23-0813 Agashashara ka Kane

Ubutumwa: 63-0321 Agashashara ka Kane

Kuvoma Ubutumwa

Ibimenyeshejwe Ibimenyeshejwe ku bijanye n’ugusobanura mu zindi ndimi bikorerwa muri Branham Tabernacle

Bakunzi Bana b’Inkukuma,

Ijwi ry’Imana Ririko Riradushira hejuru kuruta uko twari turi mbere, kandi Ihishura Ijambo ryayo. Twashize utunwa twacu mu mababa yaYo y’inkomezi mu gihe Iriko iratujana Hejuru mu kirere. Turiko twinjira hejuru mu bicu vyo mu kirere. Turashobora kubona mu bihe bidashira. Ni ihishurirwa ryose kuri twebwe. Uko Idutwara hejuru niko ibintu bigenda bigaragara. Dusemerera tuti, « NDABIBONA… NDABIBONA .

Ubu yaratwaye amababa yayo y’inkomezi, Irabaramutsa maze Itubwira iti, « NIMUGURUKE MWEBWE, GURUKA. » Ubwa mbere twaratinye. Umwansi yujuje mu vyiyumviro vyacu ugukekeranya kwinshi. Sinshobora, sinshobora gusa. Rero twaramwumvise asemerera maze umuturagaro utuzako uti, « MURASHOBORA, MURI ABANA B’INKUKUMA BANJE, NIMUTANGURE GUSA GUKUBITa AMABABA YANYU !! »

Rero, ubwo nyene ayo mababa yose yaciye atangura gutatabiza. Uko twumviriza Ijambo ryayo kenshi bitugaragaza abo turi, hamwe n’ivyo gukora, ni nako amababa yacu aba manini. Paa, paa, paa… Fyonda muvuze, Fyonda muvuze, fyonda muvuze…Rero ubwo nyene, twaragurutse. Turi Inkukuma.

Igihe ubwoba bukeyi bugerageje kwinjira mu vyiyumviro vyacu, Duca twitegereza hirya no hino hanyuma tugatangur kwumviriza Ijwi Ryiwe. Ng’uko, agurukira hafi yacu kugira adusame igihe twotangura gutembagara. Twaratahuye ko ata kintu twotinya, Papa Inkukuma Ari kumwe natwe. Ariko yitegereza intambuko zose tugira. Ntashobora kureka ikintu na kimwe ngo kidushikeko.

Mbega ubwigenge n’ivyizigiro tutigeze tugira mbere. Abandanya atubwira ati, muri Abana banje b’inkukuma. Murubaha kandi muriko murakora neza na neza ivyo nababariye gukora mu kugumana n’Ijwi ryanje nabasigiye.

Irazi igihe Ibabwiye ikintu kuri Bande, Tuzogikora kuko turazi ko ari Ijambo ryayo. Izorihagararira. Naho ryanditswe muri Bibiliya, Izorihagararira uko biri kwose.

Turazi, namba biri hanze y’iyo, Izobihishurira Umuhanuzi wayo, turatahura ko amabanga yose y’Imana yahishuwe n’amuhanuzi wayo kandi wenyene gusa, kandi ikintu cose dukeneye kumenya kiri kuri Bande.

Vuga ibijanye n’ubushobozi bw’Ihishurirwa buzana ugukaburwa.. Dushaka kubikankamira cane n’amajwi yacu. Dushaka yuko isi ibimenya, Ndi Inkukum-Bande !

Ivyiyumviro vy’Imana vyahindutse ukuremwa igihe vyaserurwa, kubwo Ijambo. Aho niho yabibashikirije nk’iciyumviro, Iciyumviro ciwe, kndi vyahishuriwe mwebwe. Rero, kigum ari iciyumviro gushika mukivuze.

Twarabihishuriwe. Imana Ishimwe. Kandi dushaka kubivuga. Turi Umugeni wa Yesu Kristo. Yaranzi , yarantoranije imbere yuko isi ishirwaho. Ndi Ijambo ryiwe Rizima ryihaye Umubiri. Yambwiye USABE kandi woronka. Kudodora, hazokugururwa. Ivyo dukeneye vyose, TUBISABE.

Iki ni igihe c’Inkukuma kandi turi Abana b’Inkukuma. Ntitwari bwigere tunezerwa canke ngo duhazwe nk’uku mu buzima bwacu. Nta bwoba, nta myitwarariko.

Ndabatumiye kuza kugurukana natwe hejuru uyu w’Iyinga isaha zitandatu z’umuhingamo, isaha ya Jeffersonville(Isaha 12 z’umugoroba mu Burundi), Mu gihe Imana- Nkukuma Y’inyenkomezi Izoba Iriko iratubwira kandi Iduhishurira Agashashara ka Kane 63-032

MweneData Joseph Branham

Ivyanditswe vyo gusoma imbere yo kwumviriza Ubutumwa

Matayo 4
Luka24:49
Yohana 6:63
Ivyakozwe n’Intumwa 2:38
Ivyahishuriwe Yohana 2 :18-23, 6 :7-8, 10 :1-7,12 :13, 13 :1-14, 16 :12-16, 19 :15-17
Itanguriro1:1
Zaburi 16:8-11
2Samweli 6:14
Yeremiya 32
Yoweli 2:28
Amosi 3:7
Malaki4