Ibimenyeshejwe Ibimenyeshejwe ku bijanye n’ugusobanura mu zindi ndimi bikorerwa muri Branham Tabernacle
Mukunzi Mugeni wa Kristo, reka dukoranire hamwe kuri uyu w’iyinga isaha zitandatu z’umuhingamo kw’isaha ya Jeffersonville (isaha icumi na zibiri ku mugoroba kw’isaha yo mu Burundi) kugira twumvirize 65-1128E Ku Mababa Y’Inuma Yera Nka Shelegi
Ibimenyeshejwe Ibimenyeshejwe ku bijanye n’ugusobanura mu zindi ndimi bikorerwa muri Branham Tabernacle
Mukunzi Muryango wa Yesu Kristo,
Ikintu kimwe kiriko kirashika nkuko bitigeze bibaho mbere ku Mugeni wa Yesu Kristo kw’isi yose. Ibintu twumvise kandi twipfuje kubona biriko birashitswa ubu imbere y’amaso yacu.
Mpwemu Yera Ariko Akoraniriza hamwe Umugeni WiWe nkuko We Yabivuze ko Yobikoze, kubw’inzira yiWe YONYENE Yateguwe kubw’uyu munsi, Ijwi ry’Imana ku ma bande.
Nta mwambiro, nta jwi ritamenyekana, nta gusobanura kw’umuntu gukenewe hagati muri twebwe. Turiko turumviriza gusa Ijambo ata Gatotsi Ritunganye Rivuye mu kanwa k’Imana nk’uko Ivugana natwe umunwa ku gutwi.
Mugeni, gusa ntibikeneye gusobanurwa gusumba aho. Ni Imana, Ihagaze imbere y’Umugeni WaYo mu mubiri w’umuntu, dushobora kubona n’amaso yacu bwite, Ivuga kandi Isobanura Ijambo RyaYo Bwite, kandi Irishira kuri bande. Ijambo Ritunganye kandi Rifatwa amajwi n’Imana ubwaYo, kubw’ivyo ntiRikeneye insobanuro iyo ari yo yose y’umuntu.
• Imana Ivugana n’Umugeni WaYo idaciye ku ruhande, ku ma bande. • Imana Isobanura Ijambo RyaYo Bwite, ku ma bande. • Imana Yihishura ubwaYo, ku ma bande. • Imana Ibwira Umugeni WaYo Iti, ntukeneye insobanuro iyo ari yo yose y’umuntu, Ijambo RyaNje ku ma bande niRyo UKENEYE RYONYENE MUGENI WANJE.
Mwibuke, nimwava ng’aha, mutangure mugendagendere inyuma y’igishishwa ubu; muraja mu rutete, ariko mwibere mu Kubaho kw’Umwana. Ntimwongereko, kuvyo navuze; ntimukureko, ivyo navuze. Kuko, Jewe mvuga Ukuri uko ndaKuzi, nkuko Data YaKumpaye. Murabona?
Imana Yateguye INZIRA YONYENE ITUNGANYE kubw’Umugeni mu gukora ivyo Yadutegetse gukora. Ibi ntivyigeze bishoboka kugeza uyu munsi. Nta kwibaza, kwiyumvira, nta kibazo, nta kibazo namba ikintu kinaka cokwongerwako, cokurwako, canke cosobanurwa. Umugeni Yarahawe Uguhishura kw’ukuri : KUVUZA AMA BANDE NI INZIRA Y’IMANA ITUNGANYE.
Kandi yamara, reka nsubire kubivuga. Uguhishura kwaNje ni ukw’Umugeni wa Yesu Kristo, si abandi, UMUGENI, NTAKINDI KINTU Akeneye kiretse Ijwi ry’Imana ku ma bande.
Ariko igihe kimwe uwo Mpwemu Yera vy’ukuri…Ijambo ry’inkomoko Rije muri wewe (Ijambo, Yesu), rero, mweneData, Ubutumwa si ikinyegezwa kuri wewe maze ; uraBuzi, mweneData, Bwose bwagaragariye imbere yawe.
Ubutumwa si ibanga kuri jewe. Yesu Kristo uko Yari ejo ni ko Ari n’ubu kandi niko Azokwama ibihe bidashira. Ijuru n’isi vyitwa Yesu. Yesu Ni Ijambo.
Kandi Izina Riri mw’Ijambo kuko We Ni Ijambo. Amen! None rero We Ni igiki? Ijambo Risobanuye nikwo kugaragazwa kw’Izina Ry’Imana.
Imana Iriko Ikoraniriza hamwe Umugeni WaYo hamwe n’Ijwi RyaYo, Iryo Yafashe amajwi maze Aribikira uno munsi, kugira Ashobore gushira hamwe Umugeni WaYo nk’ikintu Kimwe. Umugeni Azobibona hanyuma ABitahure NK’INZIRA YONYENE Ishobora gukoraniriza hamwe Umugeni WaYo. Yarabikoze imyaka 60 iheze kugira Itwereke ukuntu Yari Igiye kubikora uyu munsi. Turi « rimwe mu mashengero yiwe dufatanije ku muhora umwe wa terefone »
Namba ntizeye kuja ku rusengero, ni kuki mfise urusengero ? Turayafise mu gihugu cose, dufatanije ku muhora w’itelefone rya joro, kuri buri birometero kwadarato amajana atatu, hariho rumwe mu masengero yanje.
Abakozi b’Imana benshi babwira amashengero yabo ko gukoranira ku « muhora umwe wa terefone » canke « gukurikira ikibiriraho », « kwumviriza Ubutumwa bumwe mu mwanya umwe », atari ukugenda ku rusengero. WE YARABIVUZE KO VYARI IVYO ! Ntibazi gusa Ijambo canke ntibashobora gusoma ikete ry’urukundo nk’uko Umugeni Abishobora.
Ishengero n’iki ? Reka gusa turabe ukwo MweneData Branham yavuze uko ishengero ryari.
Amashengero menshi, menshi yararonse ibikoresho nk’ivyo mufise hano muri Tabernacle. Turafatanije ku muhora umwe wa telefone kandi n’ab’i Phoenix, ahantu hose igikorane kiri, bararonka neza mu… Kandi bakoranira mu mashengero, no muhira, n’ibintu nk’ivyo, biciye mu mirongo myiza.
MweneData Branham abwira abantu vy’umwihariko mu « miryango yabo » hamwe « n’ibintu nk’ivyo » bari rimwe mu mashengero yiwe dufatanije ku murongo umwe wa terefone. Imihana, ibituro vy’ibitoro, inyubako, imiryango ikoraniye hamwe ku murongo umwe wa terefone yaca iba ishengero.
Reka dusome ubugira kandi IKETE RY’URUKUNDO.
Turasengera amashengero yose n’amakoraniro akoraniye hirya no hino y’i—y’i—y’izi mikoro ntoya ahantu hose, mu gihugu cose, mu nzira yose gushika mu Gice c’Uburengero, gushika mu misozi ya Arizona, no hepfo mu biyaya vya Texas, ukereza no mu Gice c’Ubuseruko, mu gihugu cose, Mwami, aho bakoraniye. Amasaha menshi atandukanye, turi hamwe, ariko, Mwami, dukoraniye hamwe iri joro, nk’ikintu kimwe, abizera, turindiriye Ukuza kwa Mesiya.
Rero gukoranira hamwe ku murongo umwe wa terefone, twumviriza MweneData Branham TWESE MU MWANYA UMWE ; dukoraniye hamwe nk’ikintu kimwe, abizera, barindiriye Ukuza kwa Mesiya.
Ariko uvuga uti asangwa ukora ivyo uyu munsi, ukwo si ukuja ku rusengero, sivyo, si ugukoranira hamwe birushirije kugira tubone umunsi wegereje, mbega si ukuja kw’ishengero ?
Reka ndababaze ikibazo kimwe kandi mwishure ikoraniro ryanyu. Hamwe MweneData Branham yoba ari hano uno munsi, mu mubiri, kandi mugashobora kumwumviriza ikibiriraho canke ku murongo umwe wa terefone buri w’iyinga mu gatondo, mwese mu mwanya umwe hamwe n’Umugeni wo kw’isi yose, abungere, mwokwifatanya KU MUHORA UMWE WA TEREFONE hanyuma mukwumviriza MweneData Branham canke mwokwigisha ?
Ndabaha inyishu yanje. Nohagarara ku gishimaryango mu mvura, urubura canke umuyaga mwinshi kugira ninjire mu Rushengero kwumviriza umuvugishwa w’Imana. Namba NARI ngiye kuri rurya rundi rushengero, nohindura amashengero iryo joro.
Ariko urya mugore, yari azi yuko ubushobozi bwari muri ico kintu canke butari muri co, ariko yari azi ko Imana Yari muri Eliya. Aho ni ho Imana Yari : mu Muvugishwa waYo. Yavuze ati, « Ndahiye uguhoraho kw’Uhoraho, nawe nyene ndakurahiye, sintandukana nawe. »
Ndabatumiye kwifatanya natwe hamwe no kuba rimwe mu mashengero ya MweneData Branham dufatanije ku muhora umwe wa terefone uyu w’iyinga isaha zitandatu ku muhingamo kw’isaha ya Jeffersonville (isaha cumi na zibiri ku mugoroba mu Burundi), mu gihe tuzokwumviriza Ijwi ry’Imana Rizotuzanira Ubutumwa : Ahantu Honyene Imana Yatanze Ho Gusengera 65-1128M.
Ibimenyeshejwe Ibimenyeshejwe ku bijanye n’ugusobanura mu zindi ndimi bikorerwa muri Branham Tabernacle
Mukunzi Mugeni Dufatanije ku Muhora Umwe wa Terefone,
Uyu munsi, aya Majambo Imana Yavuze biciye mu Ntumwa Mumarayika waYo w’Indwi AraCashitswa muri TWEBWE, UMUGENI WA YESU KRISTO.
Namba ntizeye kuja ku rusengero, ni kuki mfise urusengero ? Turayafise mu gihugu cose, dufatanije ku muhora w’iterefone rya joro, kuri buri birometero kwadarato amajana atatu, hariho rumwe mu masengero yanje.
Bari mu mashengero, mu mihana, mu nyubako ntoya, eka mbere no mu gituro c’ibitoro ; bakwiragIye muri Reta Zunze Ubumwe, bumviriza, mu mwanya umwe Ijambo Ryariko Rirashikirizwa.
Kandi uyu munsi, turacari RIMWE MU MASHENGERO YIWE. AraCARI UMWUNGERE WACU. Ijambo RyiWe NTIRIKENEYE INSOBANURO, kandi turacakoraniye kw’isi yose, KU MUHORA UMWE WA TEREFONE, twumviriza IJWI ry’Imana Ritunganye ry’Umugeni wa Yesu Kristo.
Uyu munsi, iri Jambo Rirashitse.
Ni kuki bakoze ivyo ico gihe ? Ni kuki abungere bugaye amashengero yabo kugira bumvirize Ubutumwa ico gihe ? Boshobora kuba bararindiriye kugira baronke ama bande, hanyuma bigishe Ubutumwa ubwabo ku bantu babo mu nyuma ; kandi ndazi ntakekeranya ko benshi babikoze hatabayemwo uguhishurirwa.
Canke nkumbure bamwe babwiye amakoraniro yabo bati, « Ubu nimwumvirize, turizera ko MweneData Branham ari umuvugishwa w’Imana, ariko ntiyavuze yuko twotegerejwe kumwumviriza mu mashengero yacu. Nzovuga ubutumwa uyu w’iyinga, kandi buri w’iyinga ; fate ama bande gusa hanyuma muyumvirize mu miryango yanyu. »
Umugeni w’ico gihe yari afise Uguhishurirwa co kimwe nk’Umugeni w’ubu, kandi bashaka kwiyumviririza Ijwi ry’Imana ubwabo. Bashaka gufatanya n’Umugeni mu gihugu cose mu kwumviriza Ijwi ry’Imana mugihe Ryariko Rirasamirana. Bashaka kugereranywa nka rimwe mu mashengero yiwe, canke mu mihana, canke aho ari ho hose bari bari, hamwe n’Ubutumwa, Ijwi, n’ubu, ama bande.
Ivyo ni vyiza cane. Umwami Ashimwe. Ivyo ni vyo twotegerejwe gukora. Ariko rero bavuga, uyu munsi ko bitandukanye, ko ari amakosa kuvuza ama bande ya MweneData Branham mw’ishengero ryanyu. Ntimutandukanye n’Abafarisayo n’Abasadukayo, canke amadini.
Muri indyarya.
Nkuko vyari biri ico gihe, Ni Yesu, Ahagaze ku rugi ariko Aradodora, Agerageza kwinjira kugira Avugire neza na neza mw’Ishengero RyiWe, kandi ntibazokwugurura imyango yabo, kandi ntibazovuza ama bande mu mashengero yabo. « Ntaza mw’ishengero ryacu maze Yigishe».
Ibimenyeshejwe Ibimenyeshejwe ku bijanye n’ugusobanura mu zindi ndimi bikorerwa muri Branham Tabernacle
Mukunzi Mugeni wa Kristo, reka dukoranire hamwe kuri uyu w’iyinga isaha zitandatu ku mutaga kw’isaha ya Jeffersonville (isaha icumi na zibiri ku mugoroba mu Burundi), kugira twumvirize 65–1127B – Kugerageza Gukorera Imana Igikorwa Atari Ubugombe Bw’Imana
Ibimenyeshejwe Ibimenyeshejwe ku bijanye n’ugusobanura mu zindi ndimi bikorerwa muri Branham Tabernacle
Mukunzi Jambo Ryihaye umubiri,
Haleluya! Isi ibibwe y’umutima wacu yarateguwe n’ukwumviriza Ijambo kandi Ryaduhishuriye, ko TURI Umugeni wa Kristo w’ingeso nziza; Umwana w’Imana w’agaciro, atagira icaha, w’ingeso nziza, ahagaze hamwe n’Umugeni Jambo ryiza, ata gasembwa, Yogejwe n’Amazi y’Amaraso YiWe Bwite.
Twacitse Ijambo Ryagaragaye Ryihaye umubiri, kugira ngo Yesu Ashobore kudutwara, abo yari Yatoranije imbere y’uko isi iremwa, mu gikiriza ca Data.
Isi irashobora kubona ukugaragara k’Ukwizera kwacu mu buryo twigenza, no kugaragaza ko twaronse Uguhishurirwa kw’ukuri kuva ku Mana kw’Ijambo RyaYo Ryemejwe, kandi ko tutagira ubwoba. Ntitwitaho ivyo isi yose ivuga canke yizera…NTA BWOBA DUFISE. Gufyonda tukavuza ni inzira Imana Yatanze ku Mugeni wa Yesu Kristo.
Hari benshi bavuga ko bizera ubu Butumwa bw’igihe c’iherezo, bizera ko Imana Yarungitse umuvugishwa, bizera ko William Marrion Branham yari intumwa mumarayika w’indwi, bizera ko yavuze Uko Niko Uhoraho Agize, ariko NTIBIZERA ko Ijwi ari ryo jwi rihambaye kuruta ayandi yose utegerezwa kwumviriza. Ntibizera ko yavuze Amajambo y’ukutihenda. Ntibizera ivyo kuvuza ama bande mu mashengero yabo.
None ivyo bisigura iki? BISIGURA KO BITABAHISHURIWE!
Ni uguhishurirwa. Yabibahishuriye ku bw’ubuntu bwiwe. Nta na kimwe wakoze. Ntiwakoze ubwawe kugira ngo ushike mu kwizera. Namba warigeze kugira ukwizera, waguhawe n’ubuntu bw’Imana. Kandi Imana Yarabiguhishuriye, rero ukwizera ni uguhishurirwa. Kandi Ishengero Ry’Imana Ryose Ryubatswe ku guhishurirwa.
Kubera UKWIZERA twahishuriwe ko ubu Butumwa ari Ijwi ry’Imana Ryafashwe amajwi ku ma bande, kandi Ryabitswe, kugira ngo Rigaburire kandi Rishitse ku gutungana Umugeni wa Yesu Kristo.
Ni UKWIZERA kw’inkomoko, kutavanze muvyo Imana Yavuze ko ari Ukuri. Kandi Kwashinzwe mu mutima wacu no mu bugingo bwacu kandi nta na kimwe kizoKunyiganyiza. Kuzoguma aho nyene gushika umuvugishwa waYo atwerekanye k’Umwami Wacu.
Ntidushobora kwifasha. Yaduteguriye kwakira no kwizera Ivyo imbere y’ukuremwa kw’isi. Yari azi ko twokwakiriye Ijwi RyaYo muri iki gihe. Yaratumenye imbere y’igihe kandi Yatugeneye kuvyakira.
Hanyuma, ibikorwa Mpwemu Yera Ariko Arakora uno munsi, biciye muri ayo mayerekwa atigera yihenda, amasezerano atigera yihenda, ibimenyetso vyose vy’intumwa vyasezeranywe muri Bibiliya, vya Malaki 4, kandi, na, yooo, Ivyahishuriwe Yohana 10:7, ivyo vyose biriko birashika: kandi vyemejwe n’ubumenyi, mu bundi buryo bwose. Kandi iyo ntababwira Ukuri, ivyo bintu ntivyobaye. Ariko nimba nababwiye Ukuri, birashinga intahe ko nababwiye Ukuri. Aracari Wawundi, ejo, uno munsi, n’ibihe bidashira, kandi ukugaragara kwa Mpwemu WaYo kuriko kunyakura Umugeni. Reka ukwo kwizera, uguhishurirwa kugwe mu mutima wawe, ko, “Iki ari co gihe.”
Iki ni co gihe. Ubu ni bwo Butumwa. Iri ni Ijwi ry’Imana rihamagara Umugeni Wa Yesu Kristo. Yooo, Shengero, ese Umwami Yotegura isi ibibwe y’umutima wawe kugira ngo ugire Ukwizera kandi Aguhishurire ko kwumviriza iri Jwi, ku ma bande, ari vyo bizotunganya kandi bihuze Umugeni wa Yesu Kristo.
Ndasubiye kubatumira kuza kwifatanya natwe ku munsi w’iyinga isaha zitandatu ku mutaga kw’isaha ya Jeffersonville (isaha icumi na zibiri ku mugoroba kw’isaha yo mu Burundi), kugira ngo utware UKWIZERA kwawe mu mbuga zo hejuru, kandi wicarane natwe ahantu ho mw’ijuru mu gihe twumviriza Ijwi ry’Imana Ridutegurira ukuza kwiWe kwa vuba.
MweneData Joseph Branham.
Turabasavye mudusengere kubw’iyinga riza mu gihe tuzotangura ikambi yacu ya mbere ya Still Waters.
Ubutumwa : Ibikorwa Ni Ukwizera Kugaragajwe 65-1126
Ivyo bitugira akaremangingo kiWe gatoyi kari karatoranijwe. Turi Ijambo kw’Ijambo, kw’Ijambo, kw’Ijambo, kw’Ijambo, kandi turiko dushika mu gihagararo cuzuye ca Kristo kugira ngo Aze kuturondera ngo tube Umugeni WiWe.
Ni igiki kiriko kiraba UBU?
Ni Ubumwe Butaboneka Bw’Umugeni Wa Kristo Bukoranira hamwe kw’Ijambo, Buva kw’isi yose.
Ivyo bica mu gihugu cose. I New York, ubu ni isaha zitanu n’iminota mirongo ibiri n’itanu. Hariya hejuru i Filadelufiya na hirya no hino biciye hariya, abo bera bakundwa bicaye hariya bumviriza, ubu nyene, mu mashengero hirya no hino. Hariya hejuru, hepfo hirya no hino muri Mexique, hariya hejuru hirya no hino muri Canada no hirya no hino yose, hakurya. Ibirometero amajana atatu, aho ari ho hose mu mugabane wa Amerika y’Uburaruko hano, hafi, abantu bari kuri vyo, bariko barumviriza ubu nyene. Ibihumbi n’ibihumbagiza, bumviriza.
Kandi ubwo ni Ubutumwa bwanje kuri mwebwe, Shengero, mwebwe mugize ubumwe, ubumwe bwa mpwemu biciye mw’Ijambo.
Yavuze ko bwari ubumwe bwo muri mpwemu bwa Kristo n’Ishengero Ryiwe, kandi buriko buraba UBU NYENE. Umubiri uriko urahinduka Ijambo, kandi Ijambo ririko Rirahinduka umubiri. Turagaragazwa, kandi turatsindwa; ivyo nyene Bibiliya Yavuze ko vyoshika muri iki gihe, kandi Biriko biraba ubu, umunsi ku munsi muri umwe wese muri twebwe.
Kandi ubwo ni Ubutumwa bwanje kuri mwebwe, Shengero, mwebwe mugize ubumwe, ubumwe bwa mpwemu biciye mw’Ijambo.
Imana igiye kugira Ishengero ry’ingeso nziza. Umugeni Jambo Wiwe w’ukuri, w’umwizigirwa. TURI UMUPFASONI YATORANIJWE w’Umwami wacu Yesu Kristo.
Ni Igihe ki, ga Mugenzi?
Twararonse uguhishurirwa muri iyi misi ya nyuma, kw’Ubutumwa bw’Umwami Imana bwo gukoraniriza hamwe Umugeni WiWe. Nta kindi gihe vyari vyarasezeraniwe. Vyasezeranywe muri iki gihe: Malaki 4, Luka 17:30, Uwera Yohana 14:12, Yoweli 2:38. Ayo masezerano ni nk’uko nyene Yohana Umubatizi yimenyekanishije mu Vyanditswe.
Mbega igihe c’ubwiza Umugeni ariko aragira. Ikoraniro ryose rigenda rirushiriza kuba rininiya kandi rirushiriza kuryoha. Nta gihe nk’iki cari bwigere kibaho. Ugukekeranya kwose kwarazimanganye.
Nimuze mwifatanye natwe mu gihe twumviriza Ijambo ry’isezerano ry’igihe cacu Rivuga, kandi Ritubwira abo turi bo n’ibiriko biraba mu gihe cacu. Ubumwe Butaboneka bw’Umugeni Wa Kristo 65-1125.
Igihe Isirayeli yava muri Egiputa ija mu gihugu c’isezerano, mu Kuvayo 13:21, Imana Yari Izi ko batigeze bagenda muri iyo nzira mbere. Hari ibirometero mirongo itandatu na bitanu gusa, ariko naho vyari ukwo bari bakeneye ikintu co kujana na bo. Botaye inzira yabo. Ni co gituma Yo Imana Yabarungikiye Umurongozi. Kuvayo 13:21, ikintu nk’iki, “Ndarungitse Umumarayika Wanje imbere yanyu, Inkingi y’Umuriro, kugira ngo Ibazigame mu nzira,” kugira ngo Abayobore muri iki gihugu c’isezerano. Kandi abana b’Isirayeli bakurikiye uwo Murongozi, Inkingi y’Umuriro (ijoro), Igicu ku murango. Igihe Yahagarara, na bo barahagarara. Igihe Yagenda, na bo baragenda. Kandi amaze kubashikana hafi y’igihugu, kandi batari babereye kujabuka, Yongeye kubasubiza mu bugaragwa.
Yavuze ko ari ryo shengero ry’uyu musi. Twari kuba twamaze kugenda iyo twikosora gusa tukaja mu rutonde, ariko Yategerejwe kutuyobora hirya no hino no hirya no hino.
Igihe Mose yakurwa ku rubuga, Yosuwa yashinzwe kurongora abantu mu kuzigama Amajambo Mose yavuze imbere yabo. Yababwiye kwizera no kugumana n’Ijambo Ryose umurongozi w’Imana avuga.
Yosuwa yama asoma ivyo Mose yanditse Ijambo ku Rindi mu mizingo. Yashize Ijambo imbere yabo iminsi yose. Ijambo ry’iki gihe cacu Ntiryanditswe, ariko Ryafashwe mw’ijwi kugira Mpwemu Yera Ashobore gutuma Umugeni WiWe Yumva Ijambo kw’Ijambo ivyo Yavuze, mu Guyonda Akavuza.
Imana Ntiyigera Ihindura gahunda yaYo. Ni Yo Murongozi wacu. Ijwi RyaYo ni Ryo Ririko Rirarongora kandi Rihuza Umugeni WiWe uno munsi. Turashaka gusa kwumviriza Ijwi ry’Umurongozi wacu mu gihe Riturongora n’Inkingi y’Umuriro. Ni ubumwe butaboneka bw’Umugeni wa Kristo. Turazi Ijwi RyiWe.
Iyo umurongozi wacu ashitse kuri alutari, afatwa na Mpwemu Yera kandi ntaba akiri we, ahubwo ni Umurongozi wacu. Arangamiza umutwe hejuru mu kirere, asemerera ati: «Uko ni ko Uhoraho Agize, Uko ni ko Uhoraho Agize, Uko ni ko Uhoraho Agize !» Kandi uwugize Umugeni wa Kristo wese kw’isi yose aza kuri we nyene. Kubera iki? TURAZI UMURONGOZI WACU NEZA UKO AVUGA.
Umurongozi wacu = Ijambo Ijambo = Riza ku muvugishwa. Umuvugishwa = Umusobanuzi w’Imana wenyene; Umurongozi waYo wo kw’isi.
Namba udashaka kuzimira, n’uze wumvirize Umurongozi wacu mugihe Avuga biciye ku murongozi wiwe yashinzwe wo kw’isi kuri uwu w’iyinga isaha zitandatu ku mutaga kw’isaha ya Jeffersonville (isaha icumi na zibiri ku mugoroba mu Burundi).
Ibimenyeshejwe Ibimenyeshejwe ku bijanye n’ugusobanura mu zindi ndimi bikorerwa muri Branham Tabernacle
Bakunzi b’Ivyibutso Bizima,
Ijwi turiko turumviriza ku ma bande ni Urimu Tumimu y’Imana ku Mugeni WaYo. Ubu rero Ryashize hamwe neza Umugeni WaYo bahuje umutima n’inama kugira ngo Abe ishengero ry’ukuri ryuzuye Mpwemu, ryuzuye ububasha bw’Imana, ryicaye hamwe ahantu ho mw’Ijuru, ritanga ibimazi vya mpwemu, amashimwe ku Mana, hamwe na Mpwemu Yera Agendagenda hagati yacu.
Kristo Yaturungikiye Mpwemu Yera kugira ngo Avuge biciye ku mumarayika wiWe w’indwi kugira ngo adutunganye nk’abantu ku giti cabo mu gihagararo ca Yesu Kristo, kugira ngo tube inzu y’ububasha n’aho Mpwemu Yera Aba, biciye kw’Ijambo RyiWe.
Turi abaragwa ba vyose. Ni umutungo wacu bwite, ni UWACU. Ni ingabire y’Imana kuri twebwe, kandi nta n’umwe ashobora kuyidukurako. NI IVYACU.
“Ico muzosaba Data mw’Izina Ryanje, nzogikora.” Ni nde ashobora guhakana ikintu cose ng’aho? “Ni ukuri, ni ukuri Ndababwire, ni mwabwira uyu musozi muti: ‘Shinguka,’ ntimukekeranye mu mutima wanyu, ariko mukizera ko ivyo mwavuze bizoshika, ivyo mwavuze vyose muzoshobora kubironka.” Mbega amasezerano! Ntibigarukira ku gukira gusa, ariko n’ico ari co cose.
Imana Ishimwe…ICO DUSABA COSE!
Kuva kera na rindi, ivyaremwe vyose vy’Imana vyamye biniha kandi birindiriye umunsi abana b’Imana bazogaragara bimwe bishitse. Uwo munsi warashitse. Uyu ni wo munsi. Iki ni co gihe. TURI abo bahungu n’abakobwa b’Imana bagaragajwe.
TURI ibikoresho bizima vy’Imana Igendagenderamwo, Yitegererezamwo, Ivugiramwo, Ikoreramwo. Ni Imana, Igendera ku birenge bibiri, MURI TWEBWE.
Gupfukama ubwacu imbere y’Imana Nzima, ubuntu buzima, ubwenge buzima, ukwihangana kuzima, ukwubaha Imana kuzima, Ububasha buzima buva ku Mana Nzima, bituma umuntu muzima aba ishusho nzima mu gihagararo c’Imana.
Ni Kristo, mu buryo bwa Mpwemu Yera Ari kuri twebwe, n’umubatizo w’ukuri wa Mpwemu Yera WiWe, hamwe n’ivyizerwa vyiWe vyose vyadomweko ikimenyetso muri twebwe. Imana, Iba muri twebwe mw’Ihema ryitwa Inyubako. Ihema Rizima, ry’ahantu Imana Nzima Igerereye; Ishengero Ritunganye, kugira ngo Ibuye ry’Ukunengesera Ritunganye Ridupfuke.
Imana Yarungitse umuvugishwa guhamagara no kurongora Umugeni WaYo. Yari Adamu waYo wa mbere Yashumbushijwe mu buryo bushitse, igihagararo c’umuntu atunganye mu gihe cacu, kugira ngo ahishurire Ijambo RyaYo Umugeni WaYo.
Sinshobora kuva kuri ivyo. Nta na kimwe gishobora kunyiganyiza. Sinitayeho ico uwo ari we wese avuga ; ntikinyiganyiza na gatoya. Nzoguma ng’aho nyene.
Ndamusezeraniye, muri iki gitondo, n’umutima wanje wose, ko, hamwe n’imfashanyo yiWe n’ubuntu bwiWe, nzosenga kandi nzorondera ku munsi ku munsi, ntahagarika, gushika numvise kimwe cose muri ibi bisabwa gitemba muri iki gihagararo canje gitoyi ca kera, gushika aho nshobora kuba ukugaragara kwa Kristo Muzima.
KURI JEWE, kwumviriza Ijwi ry’Imana ku ma bande ni integuro y’Imana y’iki gihe. Ni Ijambo Rizima Rya Yesu Kristo. Ni icishimikizo canje ntanyiganyizwa bijanye n’Ijambo ry’Imana. Ni inzira Imana Yatanze y’iki gihe.
Rero, ndipfuza kubatumira ngo mwifatanye nanje ku munsi w’iyinga isaha zitandatu ku mutaga kw’isaha ya Jeffersonville, (isaha icumi na zibiri ku mugoroba mu Burundi) mu gihe numviriza William Marrion Branham, uwo nizera ko ari Ijwi ry’Imana ry’igihe cacu, yigisha Umugeni wa Kristo ingene Yocika: Igihagararo C’Umuntu Atunganye 62-1014M.
Ni muze mwifatanye n’Umugeni WaNje mu gihe Ndabicarika hamwe ahantu ho mw’Ijuru kuri uyu w’iyinga isaha zitandatu ku mutaga kw’isaha ya Jeffersonville (isana icumi na zibiri ku mugoroba mu Burundi), maze muNyumvirize ndabashira mu kibanza canyu n’Ijambo RyaNje. 60-0522E Ukugirwa Abana b’Imana #4.
Ibimenyeshejwe Ibimenyeshejwe ku bijanye n’ugusobanura mu zindi ndimi bikorerwa muri Branham Tabernacle
Mukunzi Nkumi Itunganye,
Iyo Dufyonda Tuvuza, ni ubuki mu gitandara, ni umunezero utavugwa, ni ivyizigiro bihezagiye, ni inanga y’ubugingo bwacu, ni ivyizigiro vyacu hamwe n’ugushigikirwa kwacu, ni Igitandara c’Ibihe, ni ikintu cose ciza, ni Inzira Imana Itanga y’iki gihe.
Kubera ko Dufyonda Tukavuza, Ijwi ry’Imana Ryaratureheje; Ryaturehereje kuri Kristo, nk’Inkumi Itunganye kw’Ijambo RyaYo. Turafise ariko Umurezi umwe, Ijwi Rimwe, umuvugishwa umwe, ariko araturongora na Mpwemu Yera.
Ariko iri ni ishengero, ndiko ndabigisha. Ivyo bija ku ma bande. Ndashaka ko abantu bumviriza ama bande bibuka ko ivyo ari ivy’ishengero ryanje.
Mbega ukuntu ari icemezo kuri twebwe ko turi mu Bugombe BwaYo Butunganye. Ama bande ni ay’ishengero ryiwe. Ariko aratwigisha. Ariko aratubwira ngo, ni mwumvirize ama bande.
Yatanguye uru Rukurikirane rw’Ukugirwa Abana b’Imana mu kutubwira ivyabaye iminsi mikeyi gusa imbere y’aho. Hanyuma, ku Butumwa bwose, avuga ivy’igihe yari yajanywe. Ese ukuntu bitegerezwa kuba bihambaye ko Umugeni Yumva ivyabaye n’ivyo Umugeni Yamubwiye.
Umuvugishwa wacu azocirwa urubanza n’Ijambo yigishije kandi yasize ku ma bande. Umugeni wo hariya Yamubwiye ko azokwemerwa n’Umwami Wacu. Hanyuma azoMutwereka nk’ikamba y’igikorwa c’ibango ryiwe, hanyuma tuzosubira kw’isi kugira ngo tubeho ibihe bidashira.
Ijambo Ryose twumva ni utuvunji tw’inzahabu. Tuguma gusa tuRisukura kandi tuRisukura uko ahishura vyinshi mu gihe dusoma hagati y’imirongo.
Ese ukuntu dukunda kuRisangira na beneData na bashikibacu tuti, “Ibi mwavyumvise?”
«Mbega ntiyaduhisemwo muri We imbere y’uko isi ibabaho»? Iryo ni iragi ryacu. Imana Yaraduhisemwo, kandi Irareka Yesu Araza maze Ariha ikiguzi. Ivyo ni ibiki? Ugusesa kwiWe kw’Amaraso YiWe, kugira ngo ntihagire icaha coharurwa kuri twebwe. Ntana kimwe muvyo mukora.
Hanyuma, neza inyuma y’ivyo, warumvise ibi?
« Uwera, Uwera, Uwera ni We Uhoraho. » Muhanze amaso kuri Kaluvari, kandi nta na kimwe kizobahagarika! Ukuntu mwigenza mu buzima bwanyu nyene, mugendera mu Nzira Nkuru y’Umwami, musizwe Amavuta y’agaciro y’ugusigwa, mugendera Ahera h’Ahera. Fiuuu! Amen.
Twari nk’inkoni ya Aroni, inkoni y’umusaza yumye yari yaragendanye imyaka mirongo ine mu bugaragwa. Ariko ubu, kuko twagumye aho Hantu Hera twumviriza Ijwi ry’Imana Rivugana natwe ku ma bande, turatutuje kandi twashuritse, twuzuye Mpwemu Yera WaYo, kandi turi Umugeni WaYo Asemerera n’impwemu zacu zose ziri mu mahaha yacu tuti :
Uwera, Uwera, Uwera, Uwera, ni We Uhoraho, ama bande ni yo yambere mu mitima yacu.
Uwera, Uwera, Uwera, Uwera, ni We Uhoraho, Yaduhisemwo isi itararemwa.
Uwera, Uwera, Uwera, Uwera, ni We Uhoraho, turi Umugeni wa Yesu Kristo.
Uwera, Uwera, Uwera, Uwera, ni We Uhoraho, ivyo abantu bavuga, ntaco bihindura, ntituriko turakura ama bande ku rubuga, turiko turayavuza birushirije.
Uwera, Uwera, Uwera, Uwera, ni We Uhoraho, duhanze amaso yacu Kaluvariyo, kandi nta nakimwe kigiye kuduhagarika.
Ndanezerewe cane no gufatanya imitima na benshi hano bazi ko Iri Ari Ijambo ry’Imana Ritihenda. Hanyuma Ni—Ni Ukuri, Ijambo Ryose ni Ukuri, Iryungane ryose, akanyuguti kose. Kandi hamwe n’ubuntu bw’Imana, twaragiriwe ibakwe ryo kubona Igihugu tuzojamwo umunsi umwe.
Nimuze mwifatanye natwe ku munsi w’iyinga isaha zitandatu ku mutaga kw’isaha ya Jeffersonville (isaha icumi na zibiri ku mugoroba mu Burundi), mu gihe umuvugishwa afata Ijambo Ryose akaguma gusa arisukura, kandi AzoRijana mw’Itanguriro maze Arisukure, Arishire mu Kuvayo yongere Arisukure, mbere no mu Vyahishuriwe Yohana; kandi vyose Ni Yesu!
MweneData Joseph Branham
Ubutumwa: Kugirwa Abana b’Imana igice ca 3 #3 60-0522M Bwavuzwe kw’igenekerezo rya 22 ukwezi kwa gatanu mu gitondo umwaka wa 1960