26-0315 Ahantu Ho Gusengera Imana Yatoranije

Ubutumwa: 65-0220 Ahantu Ho Gusengera Imana Yatoranije

BranhamTabernacle.org

Mukunzi Mugore wa Yesu Kristo,

Uyu ni wo munsi. Iki ni co gihe. Imana Yarungitse inkona yaYo y’inkomezi kw’isi kugira ngo ihamagare umugore waYo wa Yesu Kristo, kugira ngo Ivuge kandi Imubwire iti: “Uri UWO Natoye. Uri UWO Nkunda. Uri Umugeni Wanje w’inkumi w’Ijambo Ritunganye. Turi UMWE. »

Kwumviriza ayo majambo gusa, imitima yacu irasimba kubera umunezero. Kwiyumvira, ko mw’isi yose, hamwe n’amamiliyoni n’amamiliyoni yayo y’abantu, hariho Umugore wa Yesu Kristo UMWE Wenyene, kandi ni WEWE, UWO Ariko Araza kurondera.

Hariho ahantu HAMWE honyene hatoranijwe ho gusengeramwo. Hariho Ubutumwa BUMWE Bwonyene Bwatoranijwe butunganye. Hariho UMUGENI ATUNGANYE UMWE Wenyene Yatowe…KANDI NI TWEBWE!!

Data Afise ahantu HAMWE yatoranije ho gusengeramwo, ni Umwami Yesu Kristo; Ni We Jambo. Uyu munsi, hariho ahantu HAMWE honyene urupfu rwa mpwemu rudashobora gushika: Ijambo. Urupfu ntirushobora gushikira Ijambo, kuko Ni Ijambo ry’Imana Rizima.

Uguhishurwa kwose kw’iryo Jambo Rizima kwahishuriwe gusa Umugore wa Yesu Kristo. Hariho ahantu HAMWE honyene hatoranijwe aho Umugore wa Yesu Kristo Ashobora kuja kugira Yumvirize IJAMBO RYAVUZWE RITUNGANYE. Hariho umuvugishwa UMWE gusa yatorewe kuba Ijwi ry’Imana. Hariho ahantu HAMWE honyene Umugore wa Yesu Ashobora kuja kugira Yumvirize, UKO NIKO UHORAHO AGIZE: GUFYONDA AKAVUZA.

Hazoba Umuco nko mu gihe c’akagoroba, ahantu honyene Imana Yatoranirije gusengera. Yooo, ubu Butumwa Bwaziye iki, Agiye gukora iki? Kandi muri iki gihe ciWe hazoba Umuco mu gihe c’akagoroba kandi (iki?) kugira asanganire abana biWe bagarutse i muhira mu Gihugu casezeranywe c’ukuri, mu kimenyetso nyene c’Inkingi y’Umuriro Yarongoye abana b’Isirayeli mu bugaragwa.

Mbega ukuntu Umugeni wiWe Ategerezwa kwitwararika gukurikira no kwumviriza Ijwi ry’Umugabo WiWe Rivugana na We. Hariho ahantu HAMWE honyene dushobora kuja kandi tudakekeranya 100%. Hariho Ijwi RIMWE Ryonyene twashizeko amerekero yacu y’Ibihe Bidashira.

Umugore wa Yesu Kristo Yizera ko Amajambo Yumviriza ku ma bande ari Amajambo y’Umugabo WiWe. Yizera ko Ijambo Ryiwe Ridakeneye insobanuro. Gutyo, Yizera ko hariho ahantu HAMWE honyene hatanzwe Ashobora kuja kandi Akavuga AMEN kw’Ijambo Ryose, ni Ijwi ry’Umugabo WiWe ku ma bande.

Ubugira kandi, Umugore wa Yesu Kristo, kw’isi yose, Arashobora kuvuga Ati: «Uyu munsi, iri Jambo Ryavuzwe, Rirashitse».

Mana Mukunzi, hepfo hariya mu bugaragwa bwo muri Tucson, hariya muri California, haruguru yo muri Nevada na Idaho, hariya mu Buseruko no mu micungararo, hepfo muri Texas; mu gihe ubu butumire butanzwe, abantu bicaye mu—mu masengero matomato, aho bagurishiriza ibitoro, mu mihana, bariko barumviriza.

Muratumiwe kuza kwumviriza hamwe na Branham Tabernacle isaha zitandatu ku mutaga, kw’isaha ya Jeffersonville, (isaha icumi na zibiri zo ku mugoroba mu Burundi) mu gihe twumviriza Imana Ivugana n’Umugeni WaYo Yatoye, Ubutumwa: “Ahantu Ho Gusengera Imana Yatoranije” 65-0220.

MweneData Joseph Branham

Ivyanditswe : Gusubira mu vyagezwe 16:1 gushika kuwa 3.