22-1120 Ahantu Ho Gusengera Imana Yatoranije

Ubutumwa: 65-0220 Ahantu Ho Gusengera Imana Yatoranije

Kuvoma Ubutumwa

Ibimenyeshejwe Ibimenyeshejwe ku bijanye n’ugusobanura mu zindi ndimi bikorerwa muri Branham Tabernacle

Mukunzi Mupfasoni wa Yesu Kristo,

Ese ukuntu dukunda kwumva amazina yacu ahamagawe. Kwiyumvira gusa, ko turi Abo Agiye kuzira. Umugeni w’Umwami ku Mwana w’Umwami Yasezeranye. Urubuto Cami Rudasanzwe RwiWe Rwa Aburahamu Rwabaye Urw’ukuri kandi Rw’urwizigirwa kw’Ijambo Ryose.

Ntitwasambanye, canke nta n’ubwo twayuvye, hamwe n’irindi jambo; twagumye gusa ubwacu tutagira agasembwa kandi twagumanye n’Ijambo Ryose.

Hariho abagore b’abaKristo benshi beza mw’isi iki gihe, abagore b’inyankamugayo; ariko hariho Umupfasoni Umwe gusa wa Yesu Kristo. Turi Abatahana Muhira na We. Turi Umukenyezi WiWe Yatoranije.

Yatubwiye mw’Ijambo RyiWe ko Yogaruka rindi rimwe, neza mu buryo Yaje mbere. Kandi Yari hariya, Yihishura ubwiWe mu mubiri w’umuntu, Asoma Ijambo kandi Atubwira Ati, “Uyu munsi ibi Vyanditswe birashitse mu maso yanyu,” kandi twaraMumenye, kandi twacitse Umugeni WiWe Umupfasoni wa Yesu Kristo.

Twarabihishuriwe ko uwo M-w-a-n-a Nyene w’Imana Yaje mu buseruko kandi Yigaragaje nk’Imana mu mubiri, Ari Wa M-w-a-n-a w’Imana nyene mu karere k’uburengero, Yimenyekanishije ubwiWe hagati mu Mugeni WiWe. Umuco Wo ku kagoroba w’Umwana Waraje.

Kandi namba nobaza ikibazo cerekeye ico ari co cose, hategerezwa kuba inyishu y’ukuri. Hashobora kuba ikintu kinaka kivyegereye; ariko hategerezwa kuba inyishu y’ukuri, irashe ku kibazo cose. Rero, kubw’ivyo, ikibazo cose cadutse mu buzima bwacu, hategerezwa kuba inyishu y’ukuri, itomoye.

Mu gihe cacu hariho ibibazo vyinshi n’impari mu bantu.
• Ni ingirakamaro gute kwumviriza amabande y’umuhanuzi w’Imana ?
• Ni ingirakamaro gute kwumviriza no kwizera Ijambo Ryose?
• Ni ikihe Cishimikizo Ntanyiganyizwa Cacu ? Ni ico yavuze kw’ibande, canke Mpwemu Yera Arongora umuntu wese gufata ingingo y’ikiri Ijambo canke ikitari Ijambo?
• Mbega dutegerezwa kuronka umuntu, canke umugwi w’abantu, bo kuRidutomorera ?
• Mbega Ijambo Rivuga ko inyuma yo kurungika Eliya umuhanuzi, Azorungika umugwi w’abantu bategerezwa kuRibasigurira?
• Mbega dukeneye umuntu munaka wo gusigura Ijambo canke kuRidutomorera ?
• Twotegerejwe kwumviriza gusa amabande mu mazu yacu, mu modoka, n’aho kunywera igitoro honyene, no kwumviriza umukozi w’Imana igihe tugiye kw’ishengero?
• Twotegerejwe kwumviriza amabande mu mashengero yacu?
• Mbega ni Ijwi ry’Imana ryo mu gihe cacu canke si Ryo?

Rero, namba ari ikibazo co muri Bibiliya, gurtyo hotegerejwe kuboneka inyishu yo muri Bibiliya. Ntiyotegerejwe gushobora kuva mu mugwi w’abantu, mu gufatanya kunaka ukwo ari ko kwose, canke mu murezi munaka, canke idini rinaka. Yotegerejwe kuza ivuye neza mu Vyanditswe…

Rero namba dushaka kuronka inyishu itomoye ku bibazo vyacu, dutegerezwa kuja mu Vyanditswe. Igikurikira, dutegerezwa gufata ingingo, y’umusiguzi w’Ivyanditswe ava ku Mana munaka. Mbega umuntu wese afata ingingo yiwe ubwiwe ?

Umuhanuzi ntibisigura gusa kuvuga Ijambo, ariko vyongeye ni ugutangaza, kandi ni umusiguzi ava ku Mana w’Ijambo, Ijambo Riva ku Mana Ryanditswe.

Kubw’ivyo namba umuhanuzi ari umusiguzi w’Ivyanditswe ava ku Mana, rero ico uwo muhanuzi yavuze ni Ijambo ry’Imana Ryamaze gusigurwa, NTA KINDI.

Ibi ntaco bikura ku gikorwa c’Imana, canke igihagararo Imana Yabahamagariye. Bahamagawe n’Imana kugira ngo bitondere rirya Jambo Ryavuzwe n’umuhanuzi w’Imana imbere y’ubusho bwabo. Bategerezwa kurongorera ihanga ryabo kuri irya ntumwa n’Ubutumwa bw’igihe.

Ijambo ryose bigisha ritegerezwa gusuzumwa n’Amajambo umuhanuzi w’Imana yavuze kw’ibande. Ntibashobora guhindura, nta n’ubwo bashobora gusigura, IJAMBO NA RIMWE. Ivyanditswe vy’Imana bisigurwa GUSA n’umuhanuzi waYo.

Rero, umwe wese muri bo, ata nkeka, woshobora kubona iciyumviro cabo, kandi sinshobora kubarenganya. Umwe wese avuga ko ari ukuri, ko afise ukuri. Kandi abantu bahurikiye muri ayo mashengero bovyizera, kubera bashingiye amerekero yabo—yabo, amerekero yabo y’Ibihe Bidashira, ku nyigisho z’arya mashengero. Kandi baratandukanye cane rwose, gushika aho bizana ibibazo bitandukanye amajana icenda n’ibindi.

Namba ubu Butumwa bwavuzwe n’umuhanuzi w’Imana atari Icishimikizo Ntanyiganyizwa cawe, ariko ari ivyo umuntu munaka canke abagabo bavuga ko ari Ijambo, rero amerekero yawe y’Ibihe Bidashira ashimikiye ku co BAVUGA.

Amajambo yanje asa n’ayarwanya cane bimwe canke ibikorwa vy’Imana vyose. Si vyo. Nizera ko Imana Yashize abagabo b’ukuri mw’Ishengero RyaYo no ku busho bwaYo bo kugumya Ubu Butumwa imbere yabo. Nibaza ko bigisha kandi bizera Ubu Butumwa. Ariko ni kuki badasubiza mweneData kuri alutari zabo nk’Ijwi
Rihambaye gusumba ayandi ryo kwumviriza ? Ni kuki bashira igikorwa c’Imana cabo ku rugero rumwe na Rirya Jwi, kandi nk’aho gihambaye nka Ryo?

Malaki 3 havuze hati, « Umve ngira Ntume integuza imbere yaNje, indoranirize inzira imbere yaNje. » Kandi uwatumwe kuroranya inzira, yaramenye ko aho ahantu, yari We. « Ni We ! Nta kosa rihari. Ni We ! Ndabona ikimenyetso kiMukurikira. Ndazi ko ari We ; Umuco Umanutse Uvuye mw’Ikuru kandi Ugiye kuri We. » Vyari vyo, yari We.

*Rero, mweneData, nshaka kukubaza ikintu kimwe, mu guheraheza. Twoshobora kuvuga ibi. Muri Malaki 4, naho ntitwasezeraniwe iyindi nkukuma, Inkingi y’Umuco yokurikira, yo kwerekana ishengero riri mu kinyoma iki gihe ko We Ari Abaheburayo 13 :8, « Wawundi ejo, uno munsi no mu bihe bidashira » ? Ntitwasezeraniwe uwundi azoza aguruka ava mu bugaragwa ?

Tuzoba dukurikira iki ? Irya Nkingi y’Umuco. Ni nde irya Nkingi y’Umuco ? Irya nkukuma, Malaki 4. Ni nde yari afise Inkingi y’Umuriro hejuru ku mutwe wiwe yo kugaragaza uwo yari we ? William Marrion Branham.

Igihe cose dukoranye, dutegerezwa kugumiza rirya Jwi imbere y’abantu. Dutegerezwa kuzana Ijwi ry’Imana UBWA MBERE. Atari ugusenga urya muntu, ariko gusenga Imana Iri muri urya muntu.

Uwo niwe muntu Imana Yatoranije wo kurongora Umugeni WaYo. Urya muntu ni we mugabo Imana Yatoranije gusigura Ijambo RyaYo. Urya muntu ni we muntu Imana Yatoranije guhishura amabanga yaYo yose. Urya muntu ni we Imana Yavuze Iti, “Uzane abantu KUKWIZERA”, SI UWUNDI MUNAKA CANKE ICO UWUNDI MUNAKA AVUGA, WEWE, WILLIAM MARRION BRANHAM. Urya muntu niwe azotumenyekanisha kuri Yesu Kristo.

Umugabo canke umugore uwo ari we wese yongera ico ari co cose kuco Mvuga, ntiyizera ico Mvuga.

Muze kandi mucike Umupfasoni wa Yesu Kristo hamwe natwe kuri uyu w’iyinga isaha zitandatu ku mutaga, kw’isaha ya Jeffersonville, (isaha imwe mw’ijoro mu Burundi) mu gihe tuzokwumviriza akanwa k’Imana katoranijwe kandi katubwira ngo : Ahantu Imana Yatoranije Ho Gusengera, Ubutumwa Bwavuzwe kw’igenekerezo rya 20 ruhuhuma, umwaka wa 1965.
MweneData Joseph Branham.

Ivyanditswe vyo gusoma :

Gusubira mu Vyagezwe 16:1-3
Kuvayo 12:3-6
Malaki Ibice vya 3 na 4
Luka 17 :30
Abaroma 8 :1
Ivyahishuriwe Yohana 4 :7