22-1113 Ivyo Vyanditse Birashitse Uyu Muns

Ubutumwa: 65-0219 Ivyo Vyanditse Birashitse Uyu Muns

Kuvoma Ubutumwa

Ibimenyeshejwe Ibimenyeshejwe ku bijanye n’ugusobanura mu zindi ndimi bikorerwa muri Branham Tabernacle

Mukunzi Ruvyaro Cami rwa Mpwemu rwa Aburahamu,

Ni irihe shengero ushobora kujamwo kandi ukamenya, ata gukekeranya na gatoya, ko Ijambo Ryose wumviriza ari Uko Niko Uhoraho Agize ? Nta na hamwe, kiretse wumviriza Ijambo Ry’Imana Rivuganira nawe ku mabande.

Turi inkukuma z’Imana kandi zitogira imyumvikano kw’Ijambo na Rimwe. Dushaka Manu Nshasha Yonyene kuri buri gikorane kandi ntishobora kuza ari nshasha gusumba kuYumviriza Ivuye neza ku Mana ubwaYo. Turushiriza kuguruka twatiriye ijuru uko twumviriza buri Butumwa. Uko tuduga hejuru, niko dushobora kubona birushirije. Namba ata Manu iri muri iri shengero, inkukumaz’Imana ziraduga hejuru gatoya birushirije gushika ziYibonye.

Ese ukuntu imitima yacu isimbishwa n’umunezero igihe twumva Imana Itubwira ko turi Ishengero Ry’Imana RyiWe ry’inkomoko, Ryavutse ubwa kabiri, Ryizeye Ijambo Ryose ry’Imana imbere y’ikintu ico ari co cose, tutaravye ico ari co, kuko turi Umugeni Jambo wiWe w’inkumi Atavanze.

Hari uruzazane hagati mu bantu iki gihe. Nk’uko vyari mu gihe ca Yesu, abo bigira abizera bafata insiguro y’ivyo umuherezi yavuga ku Vyanditswe. Bizera insiguro y’umuntu kw’Ijambo. Ni yo mpamvu bananiwe kubona Ukuri kw’Imana, kuko hariho insiguro nyinshi birenze z’abantu kw’Ijambo
ry’Imana. Imana Ntikeneye umuntu n’umwe wo gusigura Ijambo RyaYo. Ni umusiguzi waYo Bwite.

Wibaza ko iyo uba warabayeho mu gihe ca Yesu, woba warizeye Ijambo Ryose Yavuze, utaravye ico umuherezi wawe yavuze ? Woba warabwiye umuherezi wawe ko kwumviriza Yesu ko cari ikintu c’ingira kamaro gusumba ibindi ushobora gukora ? Woba waramubwiye ko Amajambo ya Yesu adakeneye insiguro ? Iyo baba bari bafise amabande ya Yesu Avuga Ubutumwa, woba warabwiye umuherezi wawe ko ushaka ko afyonda akavuza ku buryo ushobora kwumviriza neza na neza ico Yesu Yavuze n’ukuntu Yakivuga ?

Yemwe, nticari igihe cawe ; iki ni igihe cawe, uyu ni umwanya wawe. Bibiliya Yavuze ngo, Ni Wawundi ejo, uno munsi no mu bihe bidashira. Ico ukora n’ico uvuga ubu ni co woba warakoze neza na neza ico gihe.

Twizera ko U-m-w-a-n-a w’Imana nyene Yaje mu buseruko Yigaragaje ubwiWe nk’Imana Yagaragaye mu mubiri, ari uwo M-w-a-n-a w’Imana nyene mu kirere c’uburengero Yimenyekanishije ubwiWe muri twebwe. Twizeye ko uno munsi Iki Canditswe Gishitse imbere yacu.

Ndizera vy’ukuri ko uyu ari umwaka w’ubuntu, umwaka wa yubire. Namba wipfuza kuguma uri umuja kandi utizera ko Ubu Butumwa ari Uko Niko Uhoraho Agize; namba Ubutumwa bwiWe atari Icishimikizo Ntanyiganyizwa cawe; namba wizera ko hategerezwa kuba umuntu wo gusigura Ubutumwa; namba wizera ko ari bibi kuvuza amabande mw’ishengero ryawe; Rero utegerezwa gufatwa maze bagatoboza ugutwi kwawe uruhindu, hanyuma rero uzotegerezwa gukorera urya mutware iminsi yawe yose isigaye.

Ariko Ishengero Mugeni nyaRyo Ry’inkomoko Ryizera Ijambo Ry’Imana Ryose mu kunengesera kwaRyo n’inkomezi zaRyo. Turi Ishengero Ryatoranijwe Ryavuye muri ivyo bintu kandi Rija ku ruhande, n’ukugaragara kw’Imana kwatumye tumera magabo. Turi Rurya Ruvyaro Cami Rwa Mpwemu Rwa Aburahamu.

Turabakengurukiye kubwo kuba ng’aha kwanyu no munezerererwa aka karyo k’uku gufatanya natwe, turindiranye igishika c’ivyo Imana Igiye kuduha muri iki gikorane.

Kubw’ivyo turabatumiye kwifatanya natwe kuw’iyinga isaha zitandatu ku mutaga, kw’isaha ya Jeffersonville, (isaha imwe y’ijoro mu Burundi) mu gihe tuzokwumviriza Uyu munsi Ibi Vyanditswe Birashitse, Ubutumwa Bwavuzwe kw’igenekerezo rya 19 ruhuhuma, umwaka wa 1965. Dufise igishika c’ivyo Imana Igiye gukora muri ibi bikorane. Umuco w’akagoroba w’Umwana Waraje.

MweneData Joseph Branham.

Ivyanditswe vyo gusoma imbere yo kumviriza Ubutumwa

Yohana 16
Yesaya 61:1-2
Luka 4:16