22-1127 Ukurongora n Ukwahukana

Ubutumwa: 65-0221M Ukurongora n Ukwahukana

Kuvoma Ubutumwa

Ibimenyeshejwe Ibimenyeshejwe ku bijanye n’ugusobanura mu zindi ndimi bikorerwa muri Branham Tabernacle

Mukunzi Busho bw’Umuhanuzi,

Mwibuke, mvuga ibi ku mugwi wanje wonyene. Hamwe n’abumviriza bari kure, mvuga ibi ku bankurikira bonyene. Ubu Butumwa bugenewe abo bonyene, n’ivyo ngiye kuvuga ng’aha.

Umukozi w’Imana wese, u , ni ivyiwe, ego, ni umwungere w’ubusho bwiwe, akore ico ashaka cose. Ni hagati yiwe n’Imana. Umupatiri wese, umuvugabutumwa wese, ni ahawe, mweneData.

Mvugira ng’aha honyene muri Jeffersonville, ahantu honyene novugira ibi, ni ukubera ari ubusho bwanje bwite. Ni ubusho Mpwemu Yera Yampaye gutahura ko mbereye umugenduzi kandi Azobumbaza. Kandi aba ni bantu banje baronkeye agakiza ng’aha mu gihugu cose, narongoreye kuri Kristo.

Mbega ibuye ry’ukunengesera ku mpera y’iyinga ry’amashimwe. Ndakenguruka cane kuba igice c’ubwo busho butoya Akigenzura hamwe n’umwe wese muri mwebwe. Nta handi hantu twoshobora kuja.

Data Yaraturungikiye inkukuma ihambaye iguruka yo kurongora Umugeni WiWe. Hariho amajwi menshi atera intege abantu kandi avuga Amajambo Yavuzwe n’umuhanuzi wiWe, ariko hariho IJWI RIMWE ryonyene ryarungitswe kurongora no guhuza Umugeni.

Amajambo umuhanuzi w’Imana yavuze kw’ibande ni Icishimikizo Ntanyiganyizwa cacu. Ntidutahurika kuko tuvuga ko twizeye IJAMBO RYOSE, ariko twategetswe n’Umuhanuzi w’Imana gukora ivyo neza na neza.

Niko mvuze, mw’Izina Rya Yesu Kristo : Ntimwongereko ikintu na kimwe, ntimukureko, ntimushireko ivyiyumviro vyanyu bwite muri Ryo, muvuge gusa icavuzwe kuri ayo mabande, mukore gusa neza na neza ico Umwami Imana Yategetse gukora ; ntimwongere kuri Ryo !

Ikangure wa si we. Igihe kiregereje, Amajambo umuhanuzi w’Imana yavuze, IMANA YADUTEGETSE : kwizera, kuvuga no gukora, NEZA NA NEZA ivyo yavuze ku mabande. Si ivyo mvuga, si ivyo umupatiri wawe canke abavugabutumwa bawe bavuga, ariko ivyo umuhanuzi w’Imana yavuze KW’IBANDE.

Nta na kimwe c’ingirakamaro gusumba kwumviriza Rirya Jwi kw’ibande, NTA NA KIMWE. Tugiye kuzocirwa urubanza n’ivyavuzwe KU MA BANDE. Si ivyo jewe navuze, ariko ivyo WE YAVUZE.

Ndabaronderera VYIZA CANE GUSUMBA IBINDI. Amajambo yanje makeya ni ayo kubahimiriza, neza nk’uko umwungere uwo ari we wese yobikora, kwizera
Ijambo Ryose. Sindabigisha : gukekeranya ico ari co cose mwumva kw’ibande, ko hariho amakosa ku ma bande, ko mutegerezwa kunyumviriza co kimwe n’uko mwumviriza umuhanuzi. Ndabandikira amajambo makeya yo kubahimiriza KUGUMANA N’IJAMBO RY’INKOMOKO, GUFYONDA MUKAVUZA. Nshaka ko muba Umugeni Jambo Atagira agatosi kandi Atiyanduje.

Imana Yashize Amajambo YaYo kw’ibande muri iki gihe ku buryo icaremwe kizima cose coshobora kwumviriza Ijwi RyaYo. Mu gihe ca Paulo, bari bafise gusa abanditsi bo kwandika ivyo yigisha, ariyo Bibiliya. Ariko MURI IKI GIHE, Imana Yashatse ko biba IBIHAMBAYE BIRUSHIRIJE. Dushobora gufyonda tukavuza no kwumviriza n’amatwi yacu bwite Yesu Kristo Yazutse Avugana natwe, umunwa ku gutwi.

Mbega umunsi tubayemwo. Hamwe n’isi isenyagurika bimwe biboneka hirya no hino yacu hose, dufise ahantu hatanzwe dushobora kuja no kwisanzura gusa. Tuharonka kw’IBANDE. Twicara ahantu hapfutse ho mu vyumba vyacu maze tukagirira umunsi mukuru ku
Bifungurwa Vyabitswe mu kigega. Umuhanuzi wacu ashobora kuba yaragiye kuva kera, ariko turacibuka ko ibi bintu ari ukuri, kandi dukora nyene nk’uko Imana Yadutegetse gukora, KUGUMANA N’AMABANDE.

Ni muze muronke umunsi mukuru w’amashimwe mutigeze gufungura kuri uyu w’iyinga isaha zitandatu ku mutaga kw’isaha y’i Jeffersonville (isaha imwe y’ijoro mu Burundi), mu gihe Ijwi Ry’Imana Rivugana natwe mu Butumwa : Ukurongora n’Ukwahukana, Ubutumwa Bwavuzwe kw’igenekerezo rya 21 ruhuhuma mu gitondo, umwaka wa 1965.
MweneData Joseph Branham.

Ivyanditswe vyo gusoma :
Matayo 5:31-32
Matayo 16:18
Matayo 19:1-8
Matayo 28:19
Ivyakozwe n’Intumwa 2:38
Abaroma 9:14-23
1 Timoteyo 2:9-15
1 Abakorinto 7:10-15
1 Abakorinto 14:34
Abaheburayo 11:4
Ivyahishuriwe Yohana 10:7
Itanguriro igice ca 3
Abalewi 21:7
Yobu 14:1-2
Yesaya 53
Ezekiyeli 44:22