22-1204 Uyu Melekisedeki Ninde

Ubutumwa: 65-0221E Uyu Melekisedeki Ninde

Kuvoma Ubutumwa

Ibimenyeshejwe Ibimenyeshejwe ku bijanye n’ugusobanura mu zindi ndimi bikorerwa muri Branham Tabernacle

Mukunzi Ciyumviro c’Imana,

Nizigiye ko mwiteguriye uyu w’iyinga kuvuga ivy’ukuntu imitima yacu igiye kuzogurugumbira muri twebwe mu gihe Izovugana natwe mu nzira tugiye mu mihana yacu no mu mashengero… RINDIRA GUSA.

Muri uku kwezi guheze, Yatubwiye kugira twinjire mu bwato bw’ukuri… kandi niho turi. Yatubwiye ko Urubuto Rw’Imana Rw’ukuri Rutazoraganwa n’igishishwa… rero Yavuze ko, TURI RURYA RUBUTO. Hanyuma, twumvise n’amatwi yacu, Imana Ivugira mu muntu kandi Idutangariza ngo, Uyu Munsi, Iki Canditswe Kirashitse imbere y’amaso yacu nyene. Yatubwiye ku munsi w’iyinga ukurikira ko turi Ahantu Imana Yatoranije ho Gusengera, kandi kubera ari ho turi, NTITWASAMBANYE n’Ijambo ryaYo. Rero, turi Umugeni Jambo WaYo w’Inkumi Atagira agatosi.

Kuri uyu w’iyinga, Izoduhuza rindi rimwe kandi Ivugire mu muhanuzi mumarayika waYo ahambaye kandi Itubwire ngo, NDI UYU MELEKISEDEKI, kandi Nzobihishurira ubwaNje mu mubiri w’umuntu, neza nk’uko Navuze ko Nobikoze mw’Ijambo RyaNje.

IMANA ISHIMWE! Muranezerewe? Murahezagiwe birushirije? Rero, HARI NA VYINSHI BIGIYE KUZA. Igiye guheraheza iyi nkuru ihambaye.

Muvyiyumvire gusa, TWARI mu vyiyumviro nyene vy’Imana kuva mbere na mbere. Imyaka ibihumbi bine imbere yuko Yesu aza kw’isi, n’imyaka ibihumbi vyinshi imbere yuko muza kw’isi, Yesu, mu Vyiyumviro vy’Imana, Yapfiriye ivyaha vyacu. KANDI RERO, AMAZINA YACU yashizwe mu Gitabu C’Ubugingo C’Umwagazi W’Intama.

Mbega biriko birinjira mu bwenge bwanyu ? Amazina yacu yagenywe n’Imana kandi yashizwe mu Gitabu C’Ubugingo C’Umwagazi W’Intama itanguriro ry’isi ritarashirwaho. Yari Azi amaso yacu, igihagararo cacu, ico turi cose. Twari mu vyiyumviro vyaYo mbere na mbere… mu vyiyumviro vy’Imana! Rero, ikintu turi cose ni Ijambo Ry’Imana Ryavuzwe. Inyuma y’ukuRyiyumvira, YaraRivuze, kandi niho turi.

Biragoye gutahura. Imana Itubwira ibi bintu vyose. Yaradukunze cane rwose kandi Yashatse kumenya neza ko twoRyumviriza Rivuye kuri Yo ubwaYo Ridaciye ku ruhande, rero Yakoze ku buryo Rifatwa mw’ijwi kugira ngo ku w’iyinga, igenekerezo rya 4 kigarama, umwaka wa 2022, Yoshobora guhuriza hamwe ubugira kandi Umugeni waYo kandi Itubwire Iti : “Ibi vyose nabikoreye mwebwe. Nashatse ko muRyumva Rivuye kuri Jewe Ridaciye ku ruhande. NDABAKUNDA. MURI UMUGENI WANJE. NZOZA KUBWANYU VUBA CANE.”

Ni yo mpamvu tuzi ko igihe tugiye mu Nyonga h’Imana, ikintu kinaka muri twebwe kitubwira ko tuva ahantu hanaka, kandi tugiye gusubirayo ubugira kandi muri burya Bushobozi Budukwega.

Imana Yakuye icitwikiro ku kintu cose kandi dushobora kuYibona. Imana, Yihinduye, Yitwikiriye mu Nkingi y’Umuriro. Imana, Yihunduye, mu Muntu Yitwa Yesu. Imana, Yihinduye, mw’Ishengero ryaYo. Imana hejuru yacu, Imana hamwe natwe, Imana muri twebwe; Ukwicisha bugufi kw’Imana.

Nta na kimwe dufise co gutinya na gatoya. Nta na kimwe co gutuma duhagarika umutima, n’urupfu. Iyo tuvuye ng’aha, nta n’ubwo tuba dupfuye. Namba uru rusago rwo kw’isi ruzimanganye, dufise rumwe RWAMAZE kuturindira, Rwihinduye.

Ndindiranye igishika kuMwumva Atubwira kandi Ahishura ibi bintu vyose kuw’iyinga isaha zitandatu ku mutaga kw’isaha y’i Jeffersonville (isaha imwe z’ijoro mu Burundi). Muze dufatanirize ahantu honyene mushobora kwumva IJWI RY’IMANA Ryagaragajwe Ritubwira umunwa ku gutwi Uwo Ari We, abo TURI BO, n’aho tugiye. FYONDA MUVUZE.

Uyu Melekisedeki Ni Nde ? Ubutumwa bwavuzwe kw’igenekerezo rya 21 Ruhuhuma ku mugoroba, umwaka wa 1965.

MweneData Joseph Branham

Ivyanditswe vyo gusoma:

Itanguriro igice ca 18
Kuvayo 33:12-23
Yohana 1:1
Abaroma 8:1
2 Ab’i Korinto 5:1
2 Ab’i Tesaloniki 4:13-18
1 Timoteyo 3:16
1 Timoteyo 6:15
Abaheburayo 7:1-3
Abaheburayo 13:8
Ivyahishuriwe Yohana 10:1-7
Ivyahishuriwe Yohana 21:16