26-0329 Uyu Melekisedeki Ninde

Ubutumwa: 65-0221E Uyu Melekisedeki Ninde

Ibimenyeshejwe Ibimenyeshejwe ku bijanye n’ugusobanura mu zindi ndimi bikorerwa muri Branham Tabernacle

Mukunzi Mugeni w’Ubugingo Budashira,

Rirya Jwi Rivugana natwe kuma bande ni Nde?

Inyishu y’ico kibazo dushobora kuyimenya gusa biciye ku Guhishurirwa kuva ku Mana. Umugeni waYo Yatoranijwe ni We Wenyene Azogira uko Guhishurirwa. Gutyo, dutegerezwa gusesa Ijambo RyaYo kugira ngo dutahure Uwo Yavuze ko Ari: Umusobanuzi Rudende w’Ijambo RyaYo. Ni nde Yagira Amene Anahishure utwo Dushashara Indwi? Ni nde Yagira Ahishure amabanga yose yanyegejwe yo muri Bibiliya? Ni nde Azohamagara kandi Arongore Umugeni WaYo? Ni nde Azoba afise Ijwi Ritigera Ryihenda ?

Bijanye n’Ijambo, nta wundi atari Melekisedeki, ubwiWe. Umuntu Atagira se canke nyina, Atari Afise intango canke iherezo ry’iminsi. Imana, Yiyambitse umubiri kandi Yariye inyama n’umutsima w’ibigori, Yanyoye amata y’ikivuguto, kandi Yavuganye na Aburahamu. Yari Umuntu afise kamere k’umuntu, Aba mu mubiri w’umuntu.

Iryo Jambo nyene Ryavuze ko Melekisedeki, ubwiWe, uwo Muntu, iyo kamere y’umuntu, Azobaho kandi Azokwihishura ubugira kandi mu mubiri w’umuntu nyene nk’uko Yabigiriye Aburahamu, hanyuma ubugira kandi muri Yesu Kristo; ariko muri iki gihe, mu ntumwa mumarayika waYo w’indwi wo mu Vyahishuriwe Yohana 10:7.

Mpwemu WiWe Yari gukoresha iryo hema ryo kw’isi kugira ngo Ashobore kuvuga no kwihishurira Umugeni WaYo. Imana ubwaYo Ibaho kandi Ivugira mu mubiri w’umuntu. Urubuto rwaYo rwa mbere rwasubijwe itoto burundu rwari rwarashitse mu gukura kwuzuye. Integuro yuzuye y’Imana yari yashitse; Imana n’umuntu bari Umwe. Imana Yariko Iravugana n’Umugeni WaYo umunwa ku gutwi nk’uko Yabigize kuri Aburahamu.

Yaraje kandi Iba muri ivyo, mu Muntu wa Melekisedeki, hanyuma mu nyuma ntitwigeze dusubira kwumva ivya Melekisedeki, kuko Yahindutse Yesu Kristo, Melekisedeki Yari Umuherezi ariko Yahindutse Yesu Kristo, ubu, mwavyirengagije, kuko muri iyo shusho Yari Azi ibintu vyose, kandi ntimwigeze mushobora kubimenya.

N’UBU…!! None turi bande?

Amaso yacu, igihagararo cacu, ico twari cose, twari mu vyiyumviro vyaYo mu ntango. Imbere y’uko habaho Umumarayika, inyenyeri, Abakerubi, canke ikindi kintu cose. Yaravyiyumviriye, Yarabivuze, hanyuma natwe duca tubaho.

Ivyo nta ntango n’iherezo bifise. Ntidushobora kubitahura mu vyiyumviro vyacu, ariko iyo ni Imana. Imana, Itagira intango n’iherezo!

Kuko twari muri Yo mu ntango, bizogenda gute ubu buzima bupfa bwa hano kw’isi burangiye?

Igihe iyi mpuzu y’umubiri izimanganye, hariho umubiri usanzwe, tewofani, umubiri utaremwe n’amaboko y’umuntu, canke utavyawe n’umugore, ni wo twinjiramwo. Hanyuma uwo mubiri uragaruka maze ukarondera uwo mubiri w’ubwiza.

Mbega ibintu vy’igitangaza vyabikiwe Umugeni WaYo. Raba ibiriko biraba ubu nyene mu gihe Iriko Iraduhishurira Ijambo RyaYo nk’uko bigeze bibaho mbere. Muvuge ivy’ikete ry’urukundo Yandikiye Umugeni WaYo! Mbega umunsi tubayemwo.

Turafise Uguhishurirwa kandi turazi ko ari Melekisedeki, Ijwi ry’Imana, Rivugana natwe ku ma bande. Turafise uguhishurirwa ko ari ubugombe bw’Imana bwatanzwe kandi butunganye muri iki gihe. Gutyo, TURAZI UWO ARIWE KANDI TURI UMUGENI WAYO.

Uko Guhishurirwa kugenda kurushiriza kuba ugukomeye buri munsi. Ukwo umunsi wose urarengana utuzanira umunezero mwinshi, Uguhishurirwa kwinshi. Umugeni Ariko Aritegura mu kwicara imbere y’Ijwi RyaYo, mu gihe Itubwira abo turi bo, ingene Idukunda, ingene Ifise igishika co kubana Natwe!!!

Ngwino, witegure isaha zitandatu zo ku mutaga, kw’isaha ya Jeffersonville (isaha icumi na zibiri ku mugoroba mu Burundi), ku bigiye gushika, mu gihe twumviriza Ijwi Rya Melekisedeki.

MweneData Joseph Branham

Ubutumwa: 65-0221E “Uwo Melekisedeki Ni Nde?”

Ivyanditswe vyo gusoma:

Itanguriro Igice ca 18
Kuvayo 33:12-23
Yohana Mweranda 1:1
Abaroma 8:1
2 Ab’i Korinto 5:1
1 Ab’i Tesalonike 4:13-18
1 Timoteyo 3:16 / 6:15
Abaheburayo 7:1-3 /13:8
Ivyahishuriwe Yohana 10:1-7 / 21:16