Ubutumwa: 65-0221M Ukurongora n Ukwahukana
Ibimenyeshejwe Ibimenyeshejwe ku bijanye n’ugusobanura mu zindi ndimi bikorerwa muri Branham Tabernacle
Mukunzi Mugeni Wahiswemwo, Watowe kandi Watoranijwe,
Ndibuka nkiri umusore ndiko ndakura, ngerageza guhitamwo bande yo kwumviriza. Mu gihe naba ndiko ndasoma amazina y’ibitabu nama niyumvira nti: sinzokwumviriza Ukurongora n’Ukwahukana, mu gihe ivyo ataho bihuriye nanje; ari ivy’abubatse gusa.
Maze umunsi umwe, ndiko ndumviriza Ukurongora n’Ukwahukana, Data Yampaye Uguhishurirwa kw’ubwo Butumwa. Ugusigwa kwiWe kwaje mu mutima wanje. Yariko Aravugana nanje. Ubu butumwa NI ubwanje. YARIKO Arambwira ko Yantoye imbere y’uko isi iremwa. Uyu ni umunsi mukuru w’ubugeni bwanje. Nta wundi nshaka atari We. Ndi imvugakuri hamwe n’umwizigirwa kuri We, no kw’Ijambo RyiWe, no kw’Ijwi RyiWe, GUSA. Turi UMWE.
Mu vy’ukuri ubu Butumwa bwari ubwa beneData na bashikibacu bari barakoze ubukwe ubu bahukanye, kandi We Yarababwira ivyo bari bakwiye gukora; ariko hariho insiguro YIKWIJE IKOMEYE CANE, kandi ihambaye cane gusumba, y’inkomezi rwose zidasanzwe.
Hariho Umugabo umwe, kandi Yariko Arahamagara kandi Avugana n’Umugeni WiWe Yatoranijwe ari benshi. IJWI RY’IMANA RYARIKO RIRAHAMAGARA UMUGENI WIWE JAMBO W’INKUMI ATAGIRA AGATOSI, ATAVANZE. Uwutakozweko canke ngo Yanduzwe n’umuntu. Umwe w’imvugakuri kandi w’umwizigirwa kuri We no kw’Ijambo RyiWe vyonyene. Umwe Yari Ahagijwe rwose na We n’Ijwi RyiWe.
Kubera Ubuntu n’Imbabazi vyiWe, uno munsi turashobora kuvuga, ata gitutu na kimwe c’ugukekeranya, ko TURI UMUGENI IJAMBO WIWE W’INKUMI. UMWAMI ASHIMWE I!!
Yashaka kumenya neza ko hatoba ibintu bidasobanutse igihe hazoba hageze guhamagara Umugeni WiWe, ku buryo Yiyiziye ubwiWe kandi Yabaye mu mubiri w’umuntu kugira ngo Ahishurire Ijambo RyiWe kandi Ahamagare Umugeni WiWe Aze iWe. Ni We Yari Eliyezeri yagira aze guhitamwo Umugeni WiWe bwite.
Kugira ngo habeho ukumenya ata nkeka ko tutazoshikirwa n’ukuzazanirwa mu kumenya uwuriko araturesha, We ubwiWe Yaremeje igikoresho ciWe yatoye mu kuvugana na we ari mu gashururu kari mu giti. Hanyuma Yavuganye na we mu buryo buboneka ku ruzi Ohio imbere y’abantu ibihumbi.
Mbere Yarifatishije ifoto ari kumwe na we yo kwerekana no kubwira isi ati: NAKUBWIYE KO NOGARUKA KANDI NKABA MU MUBIRI. NAHISEMWO UYU KUGIRA MBE MURI WE, KUGIRA NGO NDAGUHAMAGARE NGO UBE UMUGENI WANJE. SI WE; NI JEWE MVUGIRA MURI WE. NKORESHA GUSA IJWI RYIWE KUGIRA NGO RIBE IJWI RYANJE KURI MWEBWE. NDI UWAGUHAMAGAYE NDAGUTUNGANYA KUGIRA NGO UBE UMUGENI WANJE ATUNGANYE.
Uguhishura kw’Ubu Butumwa, Ijambo RyiWe, Ijwi RyiWe, hamwe n’abo TURI BO ubu, birarengeye amajambo y’abantu kugerageza kubivuga. Ndazi ko uzi neza ivyo ndiko ndavuga. Izamurwa mu Kwizera biriko biraba. Umugeni Ariko Aritegura mu kwicara mu nyonga h’Imana ubwaYo, Atunganywa.
Mbega akaryo isi ifise ko kwumviriza Ijwi ry’Imana Rivugana na bo; kwicara no kwumviriza Ijambo ku Rindi igihe Avuga kandi Ahishura Ijambo RyiWe Atubwira abo turi bo. Nta kintu gishobora kugereranywa no kwicara imbere yiWe, rero n’uze wifatanye natwe ku munsi w’iyinga isaha zitandatu ku mutaga, kw’isaha ya Jeffersonville, (isaha icumi na zibiri ku mugoroba mu Burundi) mu gihe twumva Avugana n’Umugeni WiWe, Ubutumwa, “Ukurongora n’Ukwahukana” 65-0221M.
MweneData Joseph Branham
Ivyanditswe vyo gusoma imbere yo kwumviriza Ubutumwa:
Matayo mweranda 5:31-32 / 16:18 / 19:1-8 / 28:19
Ivyakozwe n’Intumwa 2:38
Abaroma 9:14-23
1 Timoteyo 2:9-15
1 Ab’i korinto 7:10-15 / 14:34
Abaheburayo 11:4
Ivyahishuriwe Yohana 10:7
Itanguriro igice ca 3
Abalewi 21:7
Yobu 14:1-2
Yesaya 53
Ezekiyeli 44:22