20-0809 Kristo Yagaragajwe Mu Bihe Vyose

Ubutumwa: 64-0617 Kristo Yagaragajwe Mu Bihe Vyose

Kuvoma Ubutumwa

Ibimenyeshejwe Ibimenyeshejwe ku bijanye n’ugusobanura mu zindi ndimi bikorerwa muri Branham Tabernacle

Inkukuma Zirakoranira Hamwe

Bakundwa Bahungu n’Abakobwa b’Imana,

Ubwa mbere na mbere Jambo Yariho, kandi uwo Jambo Yari Imana, kandi uwo Jambo Yihayeumubiri, Abana natwe. Ni Yesu Kristo uko Yari Ari ejo, n’uyu musi ni kwo Akiri, ni kwo Azokwama ibihe bidashira.

Ese ivyizigiro bihezagiwe dufise vy’uko Data Yaduhaye uguhishurwa kwiWe ubwiWe muri iki gihe cacu. Imana Ihindura ishusho yaYo, En morphe, kandi uyu munsi n’Imana Yihaye umubiri, Ubutumwa bw’igihe, Umuco w’igihe cacu.

Kandi muri iki gihe canyuma, Avugana n’abantu Aciye mu Mwana wiWe, Kristo Yesu, Yimenyekanisha. Rero Kristo n’iki? Ijambo. Ijambo Ry’iki, ijambo rya Mose? Ego, ariko uyu munsi ni Ijambo Ryagaragajwe kubw’iki gihe.

Mutegerezwa kuMubona kandi mukaMumenya nk’Ijambo Ryagaragajwe kubw’igihe cacu. Mutegerezwa kuza inyuma y’igihuzu, mukabona Imana Yahishuwe, atari umuntu, ariko Imana Yihishije kandi Ikavuga iciye mu muntu.

Rero, umuntu ubwiwe si we yari Imana, nk’uko umubiri wa Kristo utari Imana. Yari umuntu, kandi Imana yari Yihishije muri We. Imana Yamye Yihisha kure y’abantu, kandi Ikihishurira abantu bari kuYizera.

Mutegerezwa ubwambere kwizera kandi mukaMumenya ko Yihishije mu mubiri nk’Umukiza wanyu. Rero mutegerezwa kwizera kandi mukaMumenya nk’Umwana w’Umuntu Yihishije mu mubiri, ahamagara Umugeni wiWe. Ni Jambo Yihaye umubiri ubugira kandi.

Turizera kandi twaraMumenye i Kaluvariyo. Turizera kandi twaraMumenye nk’Umwana w’Umuntu W’igihe cacu. Kandi kubw’ivyo, twararonse impera.

“AbaMwakiriye bose, Yabahaye ububasha bwo gucika abana b’Imana.” Kandi n’uko biri muri iki gihe, aho tubona Uyu Mpwemu Yera Ahambaye Agenda Agaragazwa. “AbaMwakiriye bose, Yabahaye ububasha bwo gucika abahungu n’abakobwa b’Imana.” Yesu Kristo Yiyerekanye
Adahinduka, kubw’Ijambo ryiWe, muri buri runganwe.

Ubu, ubugira kandi, Ijambo ryaKiriye umubiri kandi Ririhisha inyuma y’urukoba rw’umuntu. Twaragizwe abahungu n’abakobwa biWe. Integuro yiWe ihambaye iriko iragaragazwa. Turi Umugeni Jambo wiWe ahishijwe mu mubiri.

Twaravuye inyuma y’insato z’ibikoko vyitwa tahashi, maze tuza mu nyonga z’Imana. Rero Ijambo Ryahindutse ubuzima nyabwo kuri twebwe. Ubu Ijambo Ryabaye ibintu biboneka kuri twebwe, dukikijwe n’Ubwiza bwa Shekina, dufungura imitsima y’ibiterekerwa yateguriwe abizera b’ukuri gusa. Turi abaherezi, ubuherezi cami, ihanga ryera, abantu badasanzwe, duha Imana ibimazi vya Mpwemu, turi UMUGENI wiWe.

Data, ese ukuntu dushima kuba twaraKumenye kuva kw’itanguriro gushika kw’iherezo, Yesu Kristo uko Yari Ari ejo, n’uyu musi ni kwo Akiri, ni kwo Azokwama ibihe bidashira. Ubu Uriko Urakoraniriza hamwe Umugeni waWe ava mu mpande zose z’isi kugira ngo Utubwire uwo WARI, uwo URI, ubu naho abo TURI.

Imitima yacu ize inezerwe mu gihe Azovugana natwe kandi Akatwihishurira ku munsi w’iyinga isaha indwi zo ku muhingamo, mu masaha y’i Jeffersonville, hanyuma Akatubwira yuko Ari : Kristo
Yiyerekanye mu Bihe Vyose 64-0617

MweneSo Joseph Branham

Ivyanditswe vyo gusoma imbere yo kwumviriza Ubutumwa
Gusubira mu vyagezwe 18:15
Zekariya 14:6
Malaki 3:1-6
Uwera Luka 17:28-30
Uwera Yohana 1:1 / 4:1-30 / 8:57-58 / 10:32-39
Abaheburayo 1:1 / 4:12 / 13:8
Ivyahishuriwe Yohana 22:19