Category Archives: Uncategorized

25-0824 Ingaburo Yera

Ubutumwa: 65-1212 Ingaburo Yera

Ibimenyeshejwe Ibimenyeshejwe ku bijanye n’ugusobanura mu zindi ndimi bikorerwa muri Branham Tabernacle

Mukunzi Mugeni w’Ijambo Ryemejwe Ryonyene,

Ese ukuntu dushimira Mpwemu Yera kubera Uguhishura kw’ukuri kw’Ijambo RyiWe Ryemejwe kubwa kino gihe. Benshi bavuga ko bizera ko MweneData Branham ari umuvugishwa w’Imana ashitsa Ivyanditswe vyasezeranywe kuri we nyene, ariko Uguhishura kw’ukuri kw’Ijambo n’umugambi w’Imana bihishijwe bo.

Mu Butumwa bwose, ikete ryose ry’urukundo Umugeni yumviriza, Imana Iratwemeza ko turi mu Bugombe BwaYo butunganye mu kwumviriza Inzira Yatanze y’iki gihe, Ijwi ry’Imana Riri ku ma Bande.

Kandi dutegerezwa kuMukurikira, ni yo nzira yonyene yo kuronka Ubugingo Budashira. Rero uburongozi bw’Imana ni ubu: gukurikira Ijambo ry’igihe Ryemejwe na Mpwemu Yera.

Inzira YONYENE iguha Ubuzuma Budashira ni: Mpwemu Yera Akurongorera gukurikira Ijambo Ryemejwe. Ni nde afise Ijambo Ryemejwe ry’iki gihe ? Ni nde Imana Yatoye ngo asobanure Ijambo RyaYo? Ni nde Imana Yavuze ko ari Ijwi RyaYo ry’iki gihe? Ni nde Imana ubwo Yavuze ko ari umurongozi yemejwe kurongora Umugeni WaYo iki gihe? Igikorwa c’Imana ?

Ni nk’ivyo navuze ku giswi c’inkukuma, igihe cumva Ijwi ry’Umukwe, kaganye kuri Ryo, Ijambo ry’Imana Ryasizwe, Ryemejwe Ry’igihe ca nyuma.
Nowa yari Ijambo Ryemejwe ry’igihe ciwe.
Mose yari Ijambo Ryemejwe ryo mu gihe ciwe.
Yohana yari Ijambo ryemejwe.


Bashobora kuRihindukiza nkuko bashaka, canke bakaRiha insobanuro iyo ari yo yose bashaka, ariko:

WILLIAM MARRION BRANHAM NI IJAMBO RY’IMANA RYEMEJWE RY’IKI GIHE !!

Rero uburongozi bw’Imana ni ubu: gukurikira Ijambo ry’igihe Ryemejwe na Mpwemu Year.

Kandi kuvuza Ijwi ry’Imana Ryemejwe mw’ishengero ryawe si co kintu gihambaye kuruta ibindi vyose Umugeni ashobora gukora? Birahambaye cane kwumviriza Ijwi Ritandukanye?

Mbega ni umugwi w’abagabo n’ibikorwa vy’Imana vyabo bizohuriza hamwe kandi birongore Umugeni? Mbega Umugeni azohurizwa hamwe n’ivyo umuvugabutumwa avuga? Bose bavuga ikintu gitandukanye, none twokurikira nde?

Mbega insobanuro yabo y’ubu Butumwa ni yo tuzocirirwako urubanza? Mbega barafise Inkingi y’Umuriro Yemeza igikorwa c’Imana cabo? Mbega insobanuro yabo y’Ijambo ni Icishimikizo Ntanyiganyizwa cawe ?

Umuvugishwa yavuze ko Umugeni YOHURIZWA HAMWE. Niwibaze, ni igiki kizotuma ubu buvugishwa bushika kugira ngo Umwami Aze maze Azamure Umugeni WiWe?

Kandi rero, iyo abantu b’Imana batanguye gusubira gukoranira hamwe, haba ubumwe, haba ububasha. Murabona? Kandi igihe ihanga ry’Imana rizokoranira hamwe bimwe bishitse, nizera ko izuka rizoca riba. Hazoba igihe co kuzamurwa aho Mpwemu Yera Azotangura kurikoranya. Ba—bazoba ari inkehwa, ata gukeka, ariko hazoba ugukoranira hamwe guhambaye.

Mbega hazoba ikoraniro rikomeye ry’igikorwa c’Imana c’umuntu umwe, atari umuvugishwa w’Imana yemejwe? Mbega hazoba UMUGWI w’abakozi b’Imana kuko bamwe mu bakozi b’Imana b’igikorwa kirimwo bitanu bavuga ko mutokwigera NA RIMWE muvuza Ijwi ry’Imana mw’ishengero ryanyu, ko ari bibi. None rero bazorongora Umugeni?

NDABASAVYE MUMFASHE! NI UWUHE MUKOZI W’IMANA NOKURIKIRA, MU GIHE NSHAKA KUBA MURI IRYO KORANIRO RIHAMBAYE.

Bamwe bavuga ko abakozi b’Imana b’igikorwa kirimwo bitanu bizera uguhishurwa kw’Imituragaro Indwi bazoshikana Umugeni ku gutungana. Bamwe mu bakozi b’Imana b’igikorwa kirimwo bitanu bavuga ko iminsi y’igikorwa c’Imana c’Umuntu umwe yarangiye. Bamwe mu bakozi b’Imana b’igikorwa kirimwo bitanu bavuga ko dutegerezwa gusubira kuri Pentekote. Bamwe bavuga ko ubu Butumwa ATARI Icishimikizo Ntanyiganyizwa. Bamwe bavuga ko iyo uvuza ama bande uba uri uwizera ubumana. Bose bavuga ikintu gitandukanye, kandi BOSE bafise insobanuro zitandukanye, ivyiyumviro bitandukanye, ariko umwe wese avuga ko BArongowe na Mpwemu Yera.

NI UWUHE MUKOZI W’IMANA W’IGIKORWA KIRIMWO BITANU NOKURIKIRIRA? Igihe cose nzoba nkurikiye umwungere “WANJE” ari mu bafise igikorwa c’Imana kirimwo bitanu, nzoba Umugeni? Hariho “Imigwi” myinshi cane itandukanye y’abakozi b’Imana b’igikorwa kirimwo bitanu. Abo bakozi b’Imana 20 bahurira hamwe bagakora amakoraniro yabo, ariko ntibemeranya rwose n’abandi bakozi b’Imana 20 bafise amakoraniro atandukanye…ni irihe koraniro nojamwo kugira ngo nshike kugutungana kandi mbe mu bumwe…na bamwe muri bo…bose?

Kandi abantu bizera ko URU RUZAZANE RUZOHUZA NO GUSHIKANA UMUGENI KU GUTUNGANA ? Bose bavuga ko ari UMUKOZI W’IMANA W’UKURI W’IGIKORWA KIRIMWO BITANU YAHAMAGAWE N’IMANA. Ariko ntibariko barabajana ku BURONGOZI BW’UKURI BWA MPWEMU YERA, BARIKO BABIRONGORERAKO UBWABO NO KU GIKORWA C’IMANA CABO.

Kubwanje, ntukeneye mbere n’uguhishurirwa kugira ngo umenye ko ivyo bitoshobora kwigera BIHUZA canke BIRONGORA Umugeni wose. IJAMBO RYONYENE niRyo Rizohuza Umugeni, hakoreshejwe IJWI RY’IMANA UBWAYO RIRI KU MABANDE.

BeneData na bashikanje, vyoba vyiza mwikanguye nimba muriko murakurikira umwungere ariko aravuga ubutumwa gusa kandi asubiramwo Ijambo, ivyo bikaba ari vyiza cane kandi NICO NYENE yari akwiye kuba ariko arakora , ariko atababwira, kandi igihambaye kuruta vyose, ATAvuza IJWI RY’IMANA RIRI KU MABANDE MW’ISHENGERO RYANYU.

MweneData Branham yatubwiye ati:

Ubu, twasigiwe amabwirizwa atatu gusa y’Imana ya kamere : rimwe muri yo ni—ni isangira ryera, ukwozanya ibirenge, umubatizo wo mu mazi. Ivyo ni vyo bintu bitatu vyonyene. Ukwo ni kwo gutungana, muri ivyo bitatu, murabona.

Ndipfuza ko tugira Isangira Ryera n’Ukwozanya Ibirenge kuri uwu w’iyinga, Umwami Abishatse. Nk’uko twabigize muri kahise, ndabahimiriza gutangura isaha icumi n’imwe ku muhingamo kw’isaha y’aho uba. Naho MweneData Branham yavuze ko intumwa zagira Isangira Ryera igihe cose zakoranira hamwe, we yahisemwo kuyigira mu gihe c’umugoroba, kandi yavyita Ameza y’Umwami.

Ubutumwa n’igikorane c’Isangira Ryera bizoba biri kuri Voice Radio mu congereza, kandi hazoba n’umuhora wo kuvomamwo ico gikorwa, ku badashobora gushikira Voice Radio kuw’iyinga ku mugoroba.

MweneData Joseph Branham

25-0817 Uburongozi

Ubutumwa: 65-1207 Uburongozi

Ibimenyeshejwe Ibimenyeshejwe ku bijanye n’ugusobanura mu zindi ndimi bikorerwa muri Branham Tabernacle

Mukunzi Mugeni wa Kristo,

Reka twese dukoranire hamwe kuri uno w’iyinga isaha zitandatu ku mutaga kw’isaha ya Jeffersonville (isaha icumi na zibiri ku mugoroba mu Burundi), kugira twumvirize 65-1207 Uburongozi.

MweneData Joseph Branham

25-0810 Matukio Ya Sasa Yanadhihirishwa Na Unabii

Ubutumwa: 65-1206 Matukio Ya Sasa Yanadhihirishwa Na Unabii

Ibimenyeshejwe Ibimenyeshejwe ku bijanye n’ugusobanura mu zindi ndimi bikorerwa muri Branham Tabernacle

Mukunzi Mugeni w’Ukuri kandi Muzima,

Igihe Yesu, Jambo ubwiWe, Yaza kw’isi haraheze imyaka 2000, Yaje nk’uko Yari Yavuze ko Yoza, nk’Umuvugishwa. Ijambo Ryiwe Ritangaza, ko imbere y’uko Agaruka, ukugaragara kwuzuye kw’Umuntu wa Yesu Kristo kuzosubira kugaragara mu mubiri, mu muvugishwa. Uwo muvugishwa yaraje, izina ryiwe ni William Marrion Branham.

Ni gute umuntu yoshobora kutamenya ko kwumviriza Ijwi ry’Imana Rivugana na bo ku ma bande Ridaciye ku ruhande atari Ubugombe bw’Imana butunganye? Turazi ko Ijambo Ryama Riza ku muvugishwa waYo ; Nta yindi nzira Rishobora kuzamwo. Ritegerezwa kuza biciye mu muhora w’Imana Yatubwiye mbere. Ubwo ni bwo buryo bwonyene Rizozamwo. Imana Igendera mu nzira Yasezeranye ko Izokoresha. Nta na rimwe Inanirwa kubikora nk’uko Yama Ibikora.

_Umwe wese muri bo afungura ikintu kimwe, bose batamvye muri Mpwemu, bose bari bafise vyose bahuriyeko; ariko igihe bashika ku gihe co gutandukana, Ijambo ni Ryo Ryakoze ivyo gutandukanya. No muri iki gihe ni ko biri! Ijambo Ryakoze ivyo gutandukanya! Igihe kigeze…

Turabona ko igihe kiriko kiraba ubu, Ijambo Ririko Riratandukanya. Umugeni aregwa kwishimikiza cane ku muvugishwa iyo bavuga ngo, “hariho abandi Imana Yahamagaye, abagabo buzuye Mpwemu Yera kugira ngo barongore Umugeni iki gihe. Ukeneye vyinshi gusumba ayo mabande gusa. Imana Yashizeho abagabo iki gihe kugira ngo barongore ishengero.”

“Ugerageza kwiyumvira ko ari wewe wenyene uri mu mugwi. Ikoraniro ryose ni iryera!” Imana Ntiyigeze Ikora gutyo. Yari akwiye kuba yamenye neza ibiruta ivyo. Kandi yavuze ati, “Ego, ishengero ryose ni iryera. Ugerageza kwigira… » Namba twobivuga uno munsi, imvugo yo mw’ibarabara ngo, « Ibuye riri ryonyene ku musenyi. »

Mose yamenye ko Imana Yamurungitse hariya kubera ivyo.

Imana Irafise vy’ukuri abagabo buzuye Mpwemu Yera kugira ngo barongore Umugeni WaYo; babarongorera KURI UKO NIKO UHORAHO AGIZE, INTUMWA MUVUGISHWA. Kuko Ubutumwa n’intumwa ari kimwe. Iyo ni yo nzira Imana Idahinduka Yatanze y’iki gihe, kandi iminsi yose.

Kubera ko bumvirije ikosa. Igihe Mose, uwagaragajwe n’Imana, akaba n’umurongozi wo kubereka inzira ija mu gihugu c’isezerano, kandi bari bashitse kure cane, ariko rero ntibari kubandanyana na we…. None, abizera barashobora kubibona, ariko abatizera ntibashobora kubona Ivyo vyagaragajwe.

Si wewe gusa watowe ngo uronke uku Guhishurirwa guhambaye kw’igihe c’iherezo ry’iki gihe, ariko Imana, biciye ku mabande yaYo y’Imfungurwa Zabitswe, Ivuganira n’Umugeni waYo Mukundwa hagati y’imirongo.

Rero namba uri umuhungu w’Imana canke umukobwa w’Imana, wari mu Mana ibihe vyose. Ariko Yari Azi uburiri n’igihe wari gushirwamwo. Rero ubu waragizwe ikiremwa, umwana w’Imana, umuhungu canke umukobwa w’Imana yagaragajwe kugira ngo uhangane n’ingorane y’iki gihe kugira ngo ugaragaze Imana y’ukuri kandi nzima y’iki gihe, Ubutumwa buriko burasohoka muri iki gihe. Ni ko biri! Wahinguriwe hariya itanguriro ry’isi ritarashirwaho.

Mbega ikete ry’urukundo riri hagati y’imirongo k’Umugeni waYo, IMANA ISHIMWE!!! Si uko gusa Yatumenye kandi Akaduhitamwo imbere y’uko itanguriro ry’isi rishirwaho, ariko hano Aratubwira ko Yaduhisemwo ngo tube abahungu n’abakobwa biWe bagaragajwe ku bw’ IKI GIHE. Yadushize hano kw’isi iki gihe, hejuru y’abandi bera bose kuva mu ntango, kuko Yari Azi ko twohura n’ingorane y’iki gihe yo kugaragaza Imana y’ukuri kandi Nzima y’iki gihe, Ubutumwa Buvugwa muri iki gihe.

Twari mu Mana, uruvyaro, ijambo, ibiYigize kuva kw’itanguriro, ariko UBU twicaye HAMWE ahantu ho mw’Ijuru muri Kristo Yesu, tuvugana na Yo mw’Ijambo RyaYo, biciye mw’Ijambo RyaYo; kuko turi IJAMBO RYAYO, kandi Rigaburira imishaha yacu.

Ntidushobora, kandi ntituzokwinjiza ico ari co cose mu buzima bwacu atari Ijambo ry’Imana Ritavanze. Turazi kandi twizera ko ari inzira Imana Yatanze y’iki gihe.

Twokunda ko mwifatanya natwe kuri uwu w’iyinga isaha zitandatu ku mutaga, kw’isaha ya Jeffersonville, (isaha icumi na zibiri ku mugoroba mu Burundi) mu gihe twumviriza iryo JWI RYONYINE, Ijwi ry’Imana ku mabande, mushobora kuvuga AMEN kw’Ijambo Ryose mwumviriza.

MweneData Joseph Branham

Ubutumwa: Ibintu Bishika Muri Iki Gihe Bisigurwa
N’Ubuvugishwa 65-1206

Ivyanditswe vyo gusoma imbere yo kwumviriza
Ubutumwa:
Itanguriro 22
Gusubira mu Vyagezwe 18:15
Zaburi 16:10/22:1/22:18/22:7-8/35:11
Yesaya 7:14/9:6/35:7/50:6/53:9/53:12/40:3
Amosi 3:7
Zekariya 11:12/13:7/14:7
Malaki 3:1 / 4:5-6
Uwera Matayo 4:4 / 24:24 / 11:1-19
Uwera Luka 17:22-30 / 24:13-27
Abaheburayo 13:8 / 1:1
Uwera Yohana 1:1
Ivyahishuriwe Yohana 3:14-21 / 10:7

25-0803 Ibintu Bitegerezwa Kuzobaho

Ubutumwa: 65-1205 Ibintu Bitegerezwa Kuzobaho

Ibimenyeshejwe Ibimenyeshejwe ku bijanye n’ugusobanura mu zindi ndimi bikorerwa muri Branham Tabernacle

Bakunzi Ibigize Imana,

Ijambo Ryose Ryavuzwe muri ubu Butumwa ni ikete ry’urukundo Yandikiye Umugeni WaYo. Kwiyumvira ko Data wa twese wo mw’Ijuru Adukunda cane, ko Atashatse ko dusoma Ijambo RyiWe gusa, ariko ko Yashatse ko twumviriza Ijwi RyiWe Rivugana n’imitima yacu kugira ngo Atubwire ati: “Muri ijambo Ryanje Rizima, ibingize bizima, Nshobora kwereka isi.”

Rero kwiyumvira ko inyuma y’utwigoro twiWe twose Yakoze hano kw’isi, ubuzima Yabayemwo, inzira Yaciyemwo, Yasavye ikintu kimwe conyene:

“Ngo aho Ndi, namwe abe ari ho muba.” Yasavye ugufatanya kwacu, ico ni co kintu conyene Yasavye Data mw’isengesho, ukwamana naWe kwawe ibihe vyose.

Aho Ndi, “Ijambo RyiWe”, natwe niho dutegerezwa kuba turi, kugira ngo turonke ugufatanya kwiWe, ukwamana naWe kwiWe ibihe vyose. Kubw’ivyo, dutegerezwa kubaho twisunze Ijambo Ryose Yatubwiye ku ma bande kugira ngo tube Ijambo Mugeni sugi WiWe, ivyo bikaba bitugira igice c’Umukwe.

Ukwo ni kwo GUHISHURA kwa Yesu Kristo muri iki gihe. Si ivyo Yari mu kindi gihe, Uwo Ari We UBU. Ijambo ry’iki gihe. Aho Imana Iri iki gihe. Ukwo ni kwo Guhishurirwa kw’iki gihe. Ubu rero Ririko Rirakura mu Mugeni, Rikatugira Igihagararo cuzuye c’abahungu n’abakobwa batunganye.

Twibona mw’Ijambo Ryiwe. Turazi abo turi bo. Turazi ko turi muri nteguro yiWe. Iyi ni Inzira Imana Yatanze y’iki gihe. Turazi ko Izamurwa Riri hafi. Vuba abakundwa bacu bazoboneka. Ni ho tuzomenya: Twarashitse. Twese tugiye mw’Ijuru…ego, Ijuru, ahantu h’ukuri nyene nk’aha.

Tugiye ahantu nyaho aho tuzokorera ibintu, aho tugiye kuba. Tugiye gukora. Tugiye kuryoherwa. Tugiye kubaho. Tugiye mu Bugingo, mu Bugingo Budashira nyakuri. Tugiye mw’Ijuru, mw’iparadizo. Nka kurya nyene Adamu na Eva bakora, kandi bakabaho, kandi barya, kandi bararyoherwa, mw’itongo rya Edeni imbere y’uko icaha cinjira, turi mu nzira yacu nyene yo gusubira hariya, gusubira hariya nyene. Adamu wa mbere, biciye mu caha, yaradukuyeyo. Adamu wa kabiri, biciye mu kugororoka, Adusubizayo ; Aradutsindanishiriza kandi Akadusubizayo.

None umuntu yoshobora gute gushira mu majambo ico ibi bisigura kuri twebwe? Ukuri ko tugiye mw’iparadizo aho tuba mu Bihe Bidashira turi kumwe. Nta gahinda, umubabaro canke intuntu bizobayo, ugutungana gusa ku gutungana.

Imitima yacu iranezerwa, umushaha wacu ururumbira imbere muri twebwe. Satani arushiriza kudushirako umukazo ku munsi ku munsi, ariko turanezerewe. Kubera iki:

  • TURAZI, ABO TURI.
    •TURAZI, KO TUTAZONANIRWA N’IVYO TWAMWEMEREYE, KANDI KO TUTAZOBIKORA.
  • TURAZI, KO TURI MU BUGOMBE BWIWE BUTANGANYE.
  • TURAZI, KO YADUHAYE UKURI KW’IJAMBO RYIWE.

MweneData Joseph, wandika ikintu kimwe buri yinga. IMANA ISHIMWE, nzovyandika buri yinga kuko Ashaka ko umenya ingene Agukunda. Uwo uri we. Aho uriko uraja. Ibibi biriko birahinduka ivyiza. Uri Ijambo Rihinduka Ijambo.

Mukunzi mw’isi yose, nimuze mwifatanye natwe kuri uyu w’iyinga isaha zitandatu ku mutaga, isaha ya Jeffersonville (isaha icumi na zibiri ku mugoroba mu Burundi), dufatanije ku muhora umwe wa terefone, atari kubera ari “Jewe” ndabatumiye, ariko kubera “WE” Abatumiye. Atari kubera “jewe” natoye iyo bande, ahubwo ni ukugira ngo wumvirize Ijambo hamwe n’igice c’Umugeni kw’isi yose twese mu gihe kimwe.

Turashobora gutahura ko bishoboka ko Umugeni yumviriza Ijwi ry’Imana kw’isi yose, bose mu mwanya umwe? Bitegerezwa kuba Ari Imana. Imana Yatumye umuvugishwa abikora igihe umumarayika waYo yari ng’aha kw’isi. Yahimirije Umugeni gufatanya mu gusenga, BOSE KU MWANYA UMWE WA JEFFERSONVILLE, isaha zitatu mu gatondo, isaha icumi na zibiri ku mutaga, isaha icenda ku muhingamo ; none ubu birarushirije, abagize Umugeni bashobora kuba UMWE kugira ngo bumvirize Ijwi ry’Imana Rivugana na bo mu mwanya umwe?

MweneData Joseph Branham

Ubutumwa: Ibintu Bitegerezwa Kuzobaho 65-1205

Ivyanditswe:
Uwera Matayo 22:1-14
Uwera Yohana 14: 1-7.
Abaheburayo 7:1-10.

25-0727 Izamurwa

Ubutumwa: 65-1204 Izamurwa

Ibimenyeshejwe Ibimenyeshejwe ku bijanye n’ugusobanura mu zindi ndimi bikorerwa muri Branham Tabernacle

Mukunzi Mugeni Ata Bisabwa,

Umwami Yaduhaye igihe nk’ico ciza mu ndwi iheze mw’ihuriro mugihe Yaduhishurira Ijambo RyiWe. Yaremeje, kubw’Ijambo RyiWe, ko Icishimikizo cacu Ntanyiganyizwa ari : Ijambo RyiWe, Ubu Butumwa, Ijwi ry’Imana ku mabande ; vyose ni bimwe, Yesu Kristo wa wundi ejo, uyu munsi n’ibihe bidashira.

Twarumvise ukuntu umurwanizi agerageza gutandukanya Ubutumwa n’intumwa, ariko Umwami Ashimwe, Imana ubwaYo Yavugiye mu mumarayika waYo w’inkomezi hanyuma Iratubwira Iti :

Turabona yuko iyo umuntu aje, arungitswe n’Imana, yagenywe n’Imana, afise NIKO UHORAHO AGIZE y’ukuri, ubutumwa n’intumwa ni umwe kandi ni ikintu kimwe. Kuko arungikwa guserukira NIKO UHORAHO AGIZE, Ijambo ku rindi, ku buryo we n’ubutumwa bwiwe ari ikintu kimwe.

Ntushobora gutandukanya Ubutumwa n’intumwa, ni bimwe, UKO NIKO UHORAHO AGIZE. Ntaco bitwaye uko uwo ari we wese yasizwe w’ikinyoma yovuga, Imana Yavuze ko ari bimwe kandi bidashobora gutandukanywa.

Rero Yatubwiye ko tudakeneye akayungiro kugira dufate imigera iyo turiko turumviriza amabande, kuko nta migera canke umutobe urimwo umugera muri Buno Butumwa. Ni iriba ryiWe rya Arutwaze ryama ritemba ata birohe kandi rikeye. Ryama ridudubiza, ntiryigera rikama, ribandanya ryisukiriza, riduha Uguhishura kurushirije kw’Ijambo RyiWe.

Yatwibukije KUTIGERA TWIBAGIRA ko isezerano ryiWe kuri twebwe ari ntakekeranywa, ridaharirwako, ariko ahanini, ni akaburarugero.

Asangwa ari urukundo, imfashanyo, canke uguheba, iyo ikintu kitagira ibisabwa ni ICISHIMIKIZO NTANYIGANYIZWA kandi ntigishimikiye ku bintu vyiharije canke ibisabwa : kizoshika uko vyogenda kwose.

Kubw’ivyo Yashatse kuvyemeza ashimitse, rero Yatubwiye uyu munsi ko Ivyanditswe VyiWe Biriko Birashika imbere y’amaso yacu.

Rirya z-u-b-a nyene riserukira mu buseruko niryo z-u-b-a nyene rirengera mu burengero. Kandi urya M-w-a-n-a w’Imana Ava mu buseruko hanyuma Akigaragaza ubwiWe nk’Imana Yiyerekanye mu mubiri, ni We M-w-a-n-a w’Imana mu gice c’uburengero hano, Ariko Arigaragaza ubwiWe hagati mw’ishengero rino joro, wa wundi ejo, uyu munsi, n’ibihe bidashira. Umuco w’akagoroba w’Umwana Waraje. Uyu Munsi iki Canditswe Kirashitse imbere yacu.

Umwana w’Umuntu Yaragarutse mu mubiri w’umuntu mu gihe cacu, nk’uko Yasezeranye ko Yobikoze, guhamagarira Umugeni gusohoka. Ni Yesu Kristo Ariko Avugana natwe Adaciye ku ruhande, kandi ntihakenewe insobanuro y’umuntu. Ico dukeneye gusa, ico dushaka gusa, ni Ijwi ry’Imana Rivugira kuri bande Rivuye ku Mana ubwaYo.

Ni uguhishurirwa kw’ukugaragazwa kw’Ijambo Ryagizwe ukuri. Kandi tubayeho muri ico gihe; Imana Ishimwe; uguhishurwa kw’ibanga ryaYo ubwaYo.

Mbega igihe c’ubwiza Umugeni Ariko Aragira, Ahagaze mu nyonga z’Umwana, Yeze. Urugano rwasubiye ku rugano ubugira kandi, kandi nta mwambiro hagati muri twebwe. Ni Ijambo gusa Ritanduye Ry’Imana Rivugana natwe, Ritubumbabumba kandi Rikaturemamwo ishusho ya Kristo, Ijambo.

Turi abahungu n’abakobwa b’Imana, ibimugize vyiWe Yatoranirije kuza muri kino gihe, igihe gihambaye mu mateka y’isi. Yari Azi ko tutozimiye, tutogize imyumvikano, ariko twobaye Ijambo Mugeni WiWe w’ukuri kandi w’umwizigirwa, Urubuto Cami rw’Aburahamu RwiWe Rwasezeranywe ko Ruzoza.

Izamurwa riri hafi. Igihe carangiye. Araje kubw’Umugeni WiWe Yateguye ariko Aracari mu Nyonga z’Umwana, Yumviriza Ijwi RyiWe Ryambika Umugeni WiWe. Vuba tuzotangura kubona abakunzi bacu bari hirya ya ca gihuzu c’igihe, barindiriye kandi bipfuza kubana natwe.

Amabande ni inzira y’Imana yateguwe gutunganya Umugeni WaYo. Aya mabande ni co kintu conyene kizohuriza hamwe Umugeni WaYo. Aya mabande ni Ijwi ry’Imana ku Mugeni WaYo.

Ndabatumiye kuza kandi mwifatanye natwe, igice c’Umugeni WiWe, uyu w’iyinga isaha zitandatu ku muhingamo kw’isaha ya Jeffersonville (isaha cumi na zibiri ku mugoroba mu Burundi), mugihe twumviriza twese ikintu citeguye gushika vuba bidatevye: Izamurwa 65-1204.

MweneData Joseph Branham.

25-0720 Ku Mababa Y Inuma Yera Nka Shelegi

Ubutumwa: 65-1128e Ku Mababa Y Inuma Yera Nka Shelegi

Ibimenyeshejwe Ibimenyeshejwe ku bijanye n’ugusobanura mu zindi ndimi bikorerwa muri Branham Tabernacle

Mukunzi Mugeni wa Kristo, reka dukoranire hamwe kuri uyu w’iyinga isaha zitandatu z’umuhingamo kw’isaha ya Jeffersonville (isaha icumi na zibiri ku mugoroba kw’isaha yo mu Burundi) kugira twumvirize 65-1128E Ku Mababa Y’Inuma Yera Nka Shelegi

MweneData Joseph Branham

25-0713 Ahantu Honyene Imana Yatanze Ho Gusengera

Ubutumwa: 65-1128m Ahantu Honyene Imana Yatanze Ho Gusengera

Ibimenyeshejwe Ibimenyeshejwe ku bijanye n’ugusobanura mu zindi ndimi bikorerwa muri Branham Tabernacle

Mukunzi Muryango wa Yesu Kristo,

Ikintu kimwe kiriko kirashika nkuko bitigeze bibaho mbere ku Mugeni wa Yesu Kristo kw’isi yose. Ibintu twumvise kandi twipfuje kubona biriko birashitswa ubu imbere y’amaso yacu.

Mpwemu Yera Ariko Akoraniriza hamwe Umugeni WiWe nkuko We Yabivuze ko Yobikoze, kubw’inzira yiWe YONYENE Yateguwe kubw’uyu munsi, Ijwi ry’Imana ku ma bande.

Ariko Arahishura kandi Yongera Yemeza Ijambo RyiWe kuruta uko vyari mbere. Nk’iriba rya arutwaze, Uguhishura kuriko kuradudubiriza imbere muri twebwe.

Yooo, ubwo bumwe bwa Kristo muri Mpwemu hamwe n’Ishengero ryiWe ubu, igihe umubiri uhinduka Ijambo, kandi iryo Jambo rihinduka umubiri, ryaragaragaye, riremezwa. Ivyo gusa Bibiliya Yavuze ko bishobora kuba muri iki gihe, biriko biraba, umunsi k’uwundi. Yemwe, birarundanye ningoga hariya muri buriya bugaragwa, n’ibintu biriko birashika kuburyo binandengera.

Buri munsi, Uguhishura kurushirije kubandanya guhishurwa kandi kugaragazwa muri twebwe. Nk’umuvugishwa, ibintu biriko biraba kandi bishika vyihuta cane, biranaturengera…IMANA ISHIMWE !!!

Igihe cacu cashitse. Icanditswe kirashitse. Umubiri uriko uhinduka Ijambo, kandi Ijambo Ririko Rihinduka umubiri. Ivyo umuvugishwa gusa yavuze vyoshitse biriko birashika ubu.

Kuki twebwe ?

Nta mwambiro, nta jwi ritamenyekana, nta gusobanura kw’umuntu gukenewe hagati muri twebwe. Turiko turumviriza gusa Ijambo ata Gatotsi Ritunganye Rivuye mu kanwa k’Imana nk’uko Ivugana natwe umunwa ku gutwi.

Rero turabona ko rya Jambo nyene Ryasezeranywe, rya Luka, rya Malaki, ayo yandi masezerano yose y’uno munsi, yagizwe umubiri, abana na twebwe, yuko twumvise n’amatwi yacu ; rero turaMubona ubu ( n’amaso yacu) Asobanura Ijambo RyiWe, ntidushaka insobanuro iyo ari yo yose y’umuntu.

Mugeni, gusa ntibikeneye gusobanurwa gusumba aho. Ni Imana, Ihagaze imbere y’Umugeni WaYo mu mubiri w’umuntu, dushobora kubona n’amaso yacu bwite, Ivuga kandi Isobanura Ijambo RyaYo Bwite, kandi Irishira kuri bande. Ijambo Ritunganye kandi Rifatwa amajwi n’Imana ubwaYo, kubw’ivyo ntiRikeneye insobanuro iyo ari yo yose y’umuntu.

• Imana Ivugana n’Umugeni WaYo idaciye ku ruhande, ku ma bande.
• Imana Isobanura Ijambo RyaYo Bwite, ku ma bande.
• Imana Yihishura ubwaYo, ku ma bande.
• Imana Ibwira Umugeni WaYo Iti, ntukeneye insobanuro iyo ari yo yose y’umuntu, Ijambo RyaNje ku ma bande niRyo UKENEYE RYONYENE MUGENI WANJE.

Mwibuke, nimwava ng’aha, mutangure mugendagendere inyuma y’igishishwa ubu; muraja mu rutete, ariko mwibere mu Kubaho kw’Umwana. Ntimwongereko, kuvyo navuze; ntimukureko, ivyo navuze. Kuko, Jewe mvuga Ukuri uko ndaKuzi, nkuko Data YaKumpaye. Murabona?

Imana Yateguye INZIRA YONYENE ITUNGANYE kubw’Umugeni mu gukora ivyo Yadutegetse gukora. Ibi ntivyigeze bishoboka kugeza uyu munsi. Nta kwibaza, kwiyumvira, nta kibazo, nta kibazo namba ikintu kinaka cokwongerwako, cokurwako, canke cosobanurwa. Umugeni Yarahawe Uguhishura kw’ukuri : KUVUZA AMA BANDE NI INZIRA Y’IMANA ITUNGANYE.

Kandi yamara, reka nsubire kubivuga. Uguhishura kwaNje ni ukw’Umugeni wa Yesu Kristo, si abandi, UMUGENI, NTAKINDI KINTU Akeneye kiretse Ijwi ry’Imana ku ma bande.

Ariko igihe kimwe uwo Mpwemu Yera vy’ukuri…Ijambo ry’inkomoko Rije muri wewe (Ijambo, Yesu), rero, mweneData, Ubutumwa si ikinyegezwa kuri wewe maze ; uraBuzi, mweneData, Bwose bwagaragariye imbere yawe.

Ubutumwa si ibanga kuri jewe. Yesu Kristo uko Yari ejo ni ko Ari n’ubu kandi niko Azokwama ibihe bidashira. Ijuru n’isi vyitwa Yesu. Yesu Ni Ijambo.

Kandi Izina Riri mw’Ijambo kuko We Ni Ijambo. Amen! None rero We Ni igiki? Ijambo Risobanuye nikwo kugaragazwa kw’Izina Ry’Imana.

Imana Iriko Ikoraniriza hamwe Umugeni WaYo hamwe n’Ijwi RyaYo, Iryo Yafashe amajwi maze Aribikira uno munsi, kugira Ashobore gushira hamwe Umugeni WaYo nk’ikintu Kimwe. Umugeni Azobibona hanyuma ABitahure NK’INZIRA YONYENE Ishobora gukoraniriza hamwe Umugeni WaYo.
Yarabikoze imyaka 60 iheze kugira Itwereke ukuntu Yari Igiye kubikora uyu munsi. Turi « rimwe mu mashengero yiwe dufatanije ku muhora umwe wa terefone »

Namba ntizeye kuja ku rusengero, ni kuki mfise urusengero ? Turayafise mu gihugu cose, dufatanije ku muhora w’itelefone rya joro, kuri buri birometero kwadarato amajana atatu, hariho rumwe mu masengero yanje.

Abakozi b’Imana benshi babwira amashengero yabo ko gukoranira ku « muhora umwe wa terefone » canke « gukurikira ikibiriraho », « kwumviriza Ubutumwa bumwe mu mwanya umwe », atari ukugenda ku rusengero. WE YARABIVUZE KO VYARI IVYO ! Ntibazi gusa Ijambo canke ntibashobora gusoma ikete ry’urukundo nk’uko Umugeni Abishobora.

Ishengero n’iki ? Reka gusa turabe ukwo MweneData Branham yavuze uko ishengero ryari.

Amashengero menshi, menshi yararonse ibikoresho nk’ivyo mufise hano muri Tabernacle. Turafatanije ku muhora umwe wa telefone kandi n’ab’i Phoenix, ahantu hose igikorane kiri, bararonka neza mu… Kandi bakoranira mu mashengero, no muhira, n’ibintu nk’ivyo, biciye mu mirongo myiza.

MweneData Branham abwira abantu vy’umwihariko mu « miryango yabo » hamwe « n’ibintu nk’ivyo » bari rimwe mu mashengero yiwe dufatanije ku murongo umwe wa terefone. Imihana, ibituro vy’ibitoro, inyubako, imiryango ikoraniye hamwe ku murongo umwe wa terefone yaca iba ishengero.

Reka dusome ubugira kandi IKETE RY’URUKUNDO.

Turasengera amashengero yose n’amakoraniro akoraniye hirya no hino y’i—y’i—y’izi mikoro ntoya ahantu hose, mu gihugu cose, mu nzira yose gushika mu Gice c’Uburengero, gushika mu misozi ya Arizona, no hepfo mu biyaya vya Texas, ukereza no mu Gice c’Ubuseruko, mu gihugu cose, Mwami, aho bakoraniye. Amasaha menshi atandukanye, turi hamwe, ariko, Mwami, dukoraniye hamwe iri joro, nk’ikintu kimwe, abizera, turindiriye Ukuza kwa Mesiya.

Rero gukoranira hamwe ku murongo umwe wa terefone, twumviriza MweneData Branham TWESE MU MWANYA UMWE ; dukoraniye hamwe nk’ikintu kimwe, abizera, barindiriye Ukuza kwa Mesiya.

Ariko uvuga uti asangwa ukora ivyo uyu munsi, ukwo si ukuja ku rusengero, sivyo, si ugukoranira hamwe birushirije kugira tubone umunsi wegereje, mbega si ukuja kw’ishengero ?

Reka ndababaze ikibazo kimwe kandi mwishure ikoraniro ryanyu. Hamwe MweneData Branham yoba ari hano uno munsi, mu mubiri, kandi mugashobora kumwumviriza ikibiriraho canke ku murongo umwe wa terefone buri w’iyinga mu gatondo, mwese mu mwanya umwe hamwe n’Umugeni wo kw’isi yose, abungere, mwokwifatanya KU MUHORA UMWE WA TEREFONE hanyuma mukwumviriza MweneData Branham canke mwokwigisha ?

MweneData Branham aravuga vy’ukuri ko inshingano yanyu ni ishengero ryanyu. Asangwa mwoba mwari hano imyaka mirongo itandatu iheze maze MweneData Branham akaba yariko agirisha igikorane, ariko ishengero ryanyu ntiryocitabiriye yamara bogira ibikorane vyabo (ivyo abakozi b’Imana bakoze ico gihe), mwogenda kw’ « ishengero ryanyu », canke mwogenda kw’ishengero « Branham Tabernacle » kumviriza MweneData Branham ?

Ndabaha inyishu yanje. Nohagarara ku gishimaryango mu mvura, urubura canke umuyaga mwinshi kugira ninjire mu Rushengero kwumviriza umuvugishwa w’Imana. Namba NARI ngiye kuri rurya rundi rushengero, nohindura amashengero iryo joro.

Ariko urya mugore, yari azi yuko ubushobozi bwari muri ico kintu canke butari muri co, ariko yari azi ko Imana Yari muri Eliya. Aho ni ho Imana Yari : mu Muvugishwa waYo. Yavuze ati, « Ndahiye uguhoraho kw’Uhoraho, nawe nyene ndakurahiye, sintandukana nawe. »

Ndabatumiye kwifatanya natwe hamwe no kuba rimwe mu mashengero ya MweneData Branham dufatanije ku muhora umwe wa terefone uyu w’iyinga isaha zitandatu ku muhingamo kw’isaha ya Jeffersonville (isaha cumi na zibiri ku mugoroba mu Burundi), mu gihe tuzokwumviriza Ijwi ry’Imana Rizotuzanira Ubutumwa : Ahantu Honyene Imana Yatanze Ho Gusengera 65-1128M.

MweneData Joseph Branham

25-0706 Nari Narumvise Ariko Noneho Ndiboneye

Ubutumwa: 65-1127e Nari Narumvise Ariko Noneho Ndiboneye

Ibimenyeshejwe Ibimenyeshejwe ku bijanye n’ugusobanura mu zindi ndimi bikorerwa muri Branham Tabernacle

Mukunzi Mugeni Dufatanije ku Muhora Umwe wa Terefone,

Uyu munsi, aya Majambo Imana Yavuze biciye mu Ntumwa Mumarayika waYo w’Indwi AraCashitswa muri TWEBWE, UMUGENI WA YESU KRISTO.

Namba ntizeye kuja ku rusengero, ni kuki mfise urusengero ? Turayafise mu gihugu cose, dufatanije ku muhora w’iterefone rya joro, kuri buri birometero kwadarato amajana atatu, hariho rumwe mu masengero yanje.

Bari mu mashengero, mu mihana, mu nyubako ntoya, eka mbere no mu gituro c’ibitoro ; bakwiragIye muri Reta Zunze Ubumwe, bumviriza, mu mwanya umwe Ijambo Ryariko Rirashikirizwa.

Kandi uyu munsi, turacari RIMWE MU MASHENGERO YIWE. AraCARI UMWUNGERE WACU. Ijambo RyiWe NTIRIKENEYE INSOBANURO, kandi turacakoraniye kw’isi yose, KU MUHORA UMWE WA TEREFONE, twumviriza IJWI ry’Imana Ritunganye ry’Umugeni wa Yesu Kristo.

Uyu munsi, iri Jambo Rirashitse.

Ni kuki bakoze ivyo ico gihe ? Ni kuki abungere bugaye amashengero yabo kugira bumvirize Ubutumwa ico gihe ? Boshobora kuba bararindiriye kugira baronke ama bande, hanyuma bigishe Ubutumwa ubwabo ku bantu babo mu nyuma ; kandi ndazi ntakekeranya ko benshi babikoze hatabayemwo uguhishurirwa.

Canke nkumbure bamwe babwiye amakoraniro yabo bati, « Ubu nimwumvirize, turizera ko MweneData Branham ari umuvugishwa w’Imana, ariko ntiyavuze yuko twotegerejwe kumwumviriza mu mashengero yacu. Nzovuga ubutumwa uyu w’iyinga, kandi buri w’iyinga ; fate ama bande gusa hanyuma muyumvirize mu miryango yanyu. »

Umugeni w’ico gihe yari afise Uguhishurirwa co kimwe nk’Umugeni w’ubu, kandi bashaka kwiyumviririza Ijwi ry’Imana ubwabo. Bashaka gufatanya n’Umugeni mu gihugu cose mu kwumviriza Ijwi ry’Imana mugihe Ryariko Rirasamirana. Bashaka kugereranywa nka rimwe mu mashengero yiwe, canke mu mihana, canke aho ari ho hose bari bari, hamwe n’Ubutumwa, Ijwi, n’ubu, ama bande.

Uyu munsi, iri Jambo Rirashitse.

Kubera iki ba/twaRibonye hanyuma abandi ntibaRibone ? Kubw’ukumenya mbere, twatoranirijwe kubona Ibi. Ariko ntimwaBitoranirijwe, ntimuzoBibona. Ururo ruraBibona kandi Vyaratanguye kuja ahabona.

Ntibisigura ko mwohagarika kuja kw’ishengero ryanyu. N’umwungere wanyu ntibisigura ko yohagarika kuvuga ubutumwa. Bisigura gusa ko ibikorwa vyinshi vy’ivugaButumwa n’abungere bibagiye IKINTU NYAMUKURU, kandi ntibabwira abantu babo IJWI NGIRA KAMARO RIHAMBAYE utegerezwa kwumviriza ni IJWI ry’Imana ku ma bande.

Kuja kw’ishengero buri munsi ugize iyinga ntibikugira Umugeni ; ico sico gisabwa c’Imana. Abafarisayo n’Abasadukayo bari bafise iyo nyigisho nka nkama. Bari bazi urudome rwose rwa buri Jambo, ariko Ijambo Rizima Ryahagaze HARIYA NEZA mu mubiri w’umuntu, ariko bakoze iki ? Ikintu nyene benshi bakora uyu munsi.

Bazovuga bati, « Arya yari amadini yariko avugako. Ntibazoreka MweneData Branham yigishe mu mashengero yabo. Ariko twigisha Ijambo kandi tuvuga ivyo yavuze gusa. »

Ivyo ni vyiza cane. Umwami Ashimwe. Ivyo ni vyo twotegerejwe gukora. Ariko rero bavuga, uyu munsi ko bitandukanye, ko ari amakosa kuvuza ama bande ya MweneData Branham mw’ishengero ryanyu. Ntimutandukanye n’Abafarisayo n’Abasadukayo, canke amadini.

Muri indyarya.

Nkuko vyari biri ico gihe, Ni Yesu, Ahagaze ku rugi ariko Aradodora, Agerageza kwinjira kugira Avugire neza na neza mw’Ishengero RyiWe, kandi ntibazokwugurura imyango yabo, kandi ntibazovuza ama bande mu mashengero yabo. « Ntaza mw’ishengero ryacu maze Yigishe».

Umwansi azogerageza kubihindura no kuvyerekeza ahatandukanye henshi kuko YANKA kwerekanwa, ariko yamara, yaragaragajwe imbere y’amaso yacu kandi vyinshi biriko birashirwa ahagaragara.

« Ubwa mbere na mbere hari i» [ Ikoraniro rivuze riti, “Ijambo,”—Umwanditsi] « Kandi Ijambo ryari kumwe na » [ « Imana, »] « kandi Ijambo ryari » [« Imana. »] « Kandi Ijambo Yambaye umubiri, Abana natwe. » ivyo nivyo ? Rero turabona ko rya jambo nyene ryasezeranywe, rya Luka, rya Malaki, ayo yandi masezerano yose y’uno munsi, yagizwe umubiri, abana na twebwe, yuko twumvise n’amatwi yacu ; rero turamubona ubu ( n’amaso yacu) ashitsa Ijambo Ryiwe, ntidushaka insiguro z’abantu. Yooo shengero ry’Imana Ibaho, ngaha ku ma telephone, ikangure vuba, imbere yuko harengerana !

Ugurure imitima yanyu hanyuma mwumvirize ivyo Imana Yababwiye, amashengero yose yiwe. Ubu turaMUbona, n’amaso yacu, ASOBANURA IJAMBO RYIWE BWITE. Ntidukeneye insobanuro n’imwe y’umuntu !! NIMWIKANGURE HATARENGERANA CANE !!

Twarumvise ibi bintu mu buzima bwacu bwose ivyari bigiye gushika mu gihe c’iherezo. Ubu tubibonesha amaso yacu bishika.

Yaratubwiye, hariho INZIRA GUSA, IYO NI INZIRA Y’IMANA YATEGUYE KUBW’UMUGENI WAYO. MUTEGEREZWA KUGUMANA N’IJWI RY’IMANA KU MA BANDE.

Ndatumiye isi kuza kwifatanya natwe k’uw’iyinga isaha zitandatu z’umuhingamo kw’isaha ya Jeffersonville (isaha icumi na zibiri ku mugoroba mu Burundi), maze twumvirize Inzira Imana Yateguye kubwa kino gihe. Rero namwe mushobora kuvuga muti, « Nari naruKwumvise Ariko Noneho NdaKwiboneye ».

MweneData Joseph Branham

Ubutumwa : 65-1127E Nari Narumvise Ariko Noneho Ndiboneye

Ivyanditswe

Itanguriro 17
Kuvayo 14:13-16
Yobu Igice ca 14 hamwe 42:1-5
Amosi 3:7
Mariko 11:22-26 hamwe 14:3-9
Luka 17:28-30

25-0629 Kugerageza Gukorera Imana Igikorwa Atar

Ubutumwa: 65-1127b Kugerageza Gukorera Imana Igikorwa Atar

Ibimenyeshejwe Ibimenyeshejwe ku bijanye n’ugusobanura mu zindi ndimi bikorerwa muri Branham Tabernacle

Mukunzi Mugeni wa Kristo, reka dukoranire hamwe kuri uyu w’iyinga isaha zitandatu ku mutaga kw’isaha ya Jeffersonville (isaha icumi na zibiri ku mugoroba mu Burundi), kugira twumvirize 65–1127B – Kugerageza Gukorera Imana Igikorwa Atari Ubugombe Bw’Imana

MweneData Joseph Branham

65-0622 Ibikorwa Ni Ukwizera Kugaragajwe

Ubutumwa: 65-1126 Ibikorwa Ni Ukwizera Kugaragajwe

Ibimenyeshejwe Ibimenyeshejwe ku bijanye n’ugusobanura mu zindi ndimi bikorerwa muri Branham Tabernacle

Mukunzi Jambo Ryihaye umubiri,

Haleluya! Isi ibibwe y’umutima wacu yarateguwe n’ukwumviriza Ijambo kandi Ryaduhishuriye, ko TURI Umugeni wa Kristo w’ingeso nziza; Umwana w’Imana w’agaciro, atagira icaha, w’ingeso nziza, ahagaze hamwe n’Umugeni Jambo ryiza, ata gasembwa, Yogejwe n’Amazi y’Amaraso YiWe Bwite.

Twacitse Ijambo Ryagaragaye Ryihaye umubiri, kugira ngo Yesu Ashobore kudutwara, abo yari Yatoranije imbere y’uko isi iremwa, mu gikiriza ca Data.

Isi irashobora kubona ukugaragara k’Ukwizera kwacu mu buryo twigenza, no kugaragaza ko twaronse Uguhishurirwa kw’ukuri kuva ku Mana kw’Ijambo RyaYo Ryemejwe, kandi ko tutagira ubwoba. Ntitwitaho ivyo isi yose ivuga canke yizera…NTA BWOBA DUFISE. Gufyonda tukavuza ni inzira Imana Yatanze ku Mugeni wa Yesu Kristo.

Hari benshi bavuga ko bizera ubu Butumwa bw’igihe c’iherezo, bizera ko Imana Yarungitse umuvugishwa, bizera ko William Marrion Branham yari intumwa mumarayika w’indwi, bizera ko yavuze Uko Niko Uhoraho Agize, ariko NTIBIZERA ko Ijwi ari ryo jwi rihambaye kuruta ayandi yose utegerezwa kwumviriza. Ntibizera ko yavuze Amajambo y’ukutihenda. Ntibizera ivyo kuvuza ama bande mu mashengero yabo.

None ivyo bisigura iki? BISIGURA KO BITABAHISHURIWE!

Ni uguhishurirwa. Yabibahishuriye ku bw’ubuntu bwiwe. Nta na kimwe wakoze. Ntiwakoze ubwawe kugira ngo ushike mu kwizera. Namba warigeze kugira ukwizera, waguhawe n’ubuntu bw’Imana. Kandi Imana Yarabiguhishuriye, rero ukwizera ni uguhishurirwa. Kandi Ishengero Ry’Imana Ryose Ryubatswe ku guhishurirwa.

Kubera UKWIZERA twahishuriwe ko ubu Butumwa ari Ijwi ry’Imana Ryafashwe amajwi ku ma bande, kandi Ryabitswe, kugira ngo Rigaburire kandi Rishitse ku gutungana Umugeni wa Yesu Kristo.

Ni UKWIZERA kw’inkomoko, kutavanze muvyo Imana Yavuze ko ari Ukuri. Kandi Kwashinzwe mu mutima wacu no mu bugingo bwacu kandi nta na kimwe kizoKunyiganyiza. Kuzoguma aho nyene gushika umuvugishwa waYo atwerekanye k’Umwami Wacu.

Ntidushobora kwifasha. Yaduteguriye kwakira no kwizera Ivyo imbere y’ukuremwa kw’isi. Yari azi ko twokwakiriye Ijwi RyaYo muri iki gihe. Yaratumenye imbere y’igihe kandi Yatugeneye kuvyakira.

Hanyuma, ibikorwa Mpwemu Yera Ariko Arakora uno munsi, biciye muri ayo mayerekwa atigera yihenda, amasezerano atigera yihenda, ibimenyetso vyose vy’intumwa vyasezeranywe muri Bibiliya, vya Malaki 4, kandi, na, yooo, Ivyahishuriwe Yohana 10:7, ivyo vyose biriko birashika: kandi vyemejwe n’ubumenyi, mu bundi buryo bwose. Kandi iyo ntababwira Ukuri, ivyo bintu ntivyobaye. Ariko nimba nababwiye Ukuri, birashinga intahe ko nababwiye Ukuri. Aracari Wawundi, ejo, uno munsi, n’ibihe bidashira, kandi ukugaragara kwa Mpwemu WaYo kuriko kunyakura Umugeni. Reka ukwo kwizera, uguhishurirwa kugwe mu mutima wawe, ko, “Iki ari co gihe.”

Iki ni co gihe. Ubu ni bwo Butumwa. Iri ni Ijwi ry’Imana rihamagara Umugeni Wa Yesu Kristo. Yooo, Shengero, ese Umwami Yotegura isi ibibwe y’umutima wawe kugira ngo ugire Ukwizera kandi Aguhishurire ko kwumviriza iri Jwi, ku ma bande, ari vyo bizotunganya kandi bihuze Umugeni wa Yesu Kristo.

Ndasubiye kubatumira kuza kwifatanya natwe ku munsi w’iyinga isaha zitandatu ku mutaga kw’isaha ya Jeffersonville (isaha icumi na zibiri ku mugoroba kw’isaha yo mu Burundi), kugira ngo utware UKWIZERA kwawe mu mbuga zo hejuru, kandi wicarane natwe ahantu ho mw’ijuru mu gihe twumviriza Ijwi ry’Imana Ridutegurira ukuza kwiWe kwa vuba.

MweneData Joseph Branham.

Turabasavye mudusengere kubw’iyinga riza mu gihe tuzotangura ikambi yacu ya mbere ya Still Waters.

Ubutumwa : Ibikorwa Ni Ukwizera Kugaragajwe 65-1126

Ivyanditswe vyo gusoma :

Itanguriro 15:5-6, 22:1-12
Ivyakozwe n’Intumwa 2:17
Abaroma 4:1-8, 8:28-34
Abanyefeso 1:1-5
Yakobo 2:21-23
Uwera Yohana 1:26, 6:44-46