All posts by admin5

22-0508 Kristo Ni Ibanga Ry Imana Ryahishuwe

Ubutumwa: 63-0728 Kristo Ni Ibanga Ry Imana Ryahishuwe

Kuvoma Ubutumwa

Ibimenyeshejwe Ibimenyeshejwe ku bijanye n’ugusobanura mu zindi ndimi bikorerwa muri Branham Tabernacle

Mukundwa uMushika ku Mutima wiWe,
Ndi n’iteka rihambaye rwose mw’isi. Umwami Yanyemereye kuMubereka ubwiWe, ku buryo Ashobora kuvugana namwe Adaciye ku ruhande kandi Akabahishurira Ijambo ryiWe Ryose.

Si umuntu w’Imana gusa, Ni Imana UbwaYo, Inkingi y’Umuriro, Mpwemu Yera Avugana namwe Adaciye ku ruhande, umunwa ku gutwi, kandi turi n’iteka n’ibakwe ryo kwita umuhanuzi waYo Yahisemwo, UMWUNGERE WACU.

Ntitwigera twibaza namba ivyo twumviriza ari umuntu, iciyumviro ciwe, ico yibaza, canke insiguro yiwe y’Ijambo. Ni Imana ubwaYo Ivugana natwe, ni UKO NIKO UHORANO AGIZE.

Ndazi ko abantu batsitara kuri ivyo vyoroshe, ariko niVyo tunyweramwo. Kuko nico kintu conyene kimara inyota yacu kandi gihaza ubugingo bwacu. Ni Amajambo y’Ubugingo Budashira. Kuri twebwe, Ni Ijwi ry’Imana. Ni Ubutumwa bw’igihe. Kubw’ivyo, Ni Ijambo, Ijwi, Amabande, ATARI IVYO NTA NA KIMWE !

Turi mu bumwe twese hamwe munsi y’Umutware umwe nka Isirayeli ya kera. Imana Imwe, Yagaragajwe biciye mu Nkingi y’Umuriro, kandi Yihishura ubwaYo biciye mu muhanuzi waYo, ko We ari Ijambo. Imana Imwe, Inkingi y’Umuriro Imwe, inzira imwe uno munsi. Imana Ntiyigera Ihindura kamere yaYo. Umugambi waYo ntiwigera uhinduka na gato ku vyo Yatanguriyeko, kuko Ntigira umupaka kandi umugambi waYo n’ivyiyumviro vyaYo vyose biratunganye.

Niyo mpamvu turindiranye igishika cinshi co kwumva ico Igiye kuduhishurira kuw’iyinga. Yavuze ko Yakubise hirya no hino yaRyo, imbere n’inyuma yaRyo, kandi YanaRyerekanye mu Vyanditswe n’ukurikirane rwavyo, gushika aho tumenya ko ubu Butumwa ari Ukuri bidasubirwako. Nta kosa ririmwo.

Ariko kuw’iyinga, Mpwemu Yera Agiye gufata Ubu Butumwa maze Abushire aho Buri ubu. Azobwubakira neza aho Bwatanguriye, maze Abwubake neza gushika mu gihe ca none.

Ni muze tunywere gatoya mu vyo Imana Igiye kutubwira no kuduhishurira biciye mu mwungere wacu kuw’iyinga :

Muri abakunzi baNshika ku mutima wanje, abo navyariye Umwami, muri Mpwemu n’Ijambo ry’Ukuri. Ndasenga gusa kandi nsaba Umwami kubahezagira no kubagumiza mufatanirijwe hamwe n’imigozi y’urukundo rwa Kristo.

Imana Yansavye kubabikira Imfungurwa : imboga nziza, zinoboye, ng’aha muri iyi nyubako. Kandi iki gihe, tugiye kuronka umutekero wose kw’ibande. Izobahishurira Yesu Kristo mu gihe tubayemwo. Ubu Butumwa Buzobagaburira kandi Bubahe inkomezi. Buzobaha inkomezi za mpwemu kubw’igikorwa kibarindiriye.

Ni mureke ndababwire rindi rimwe mu gihe nzi ko mukunda kuyumviriza : muri kirya gitigiri yarobanuye, yatoranije, abo bonyene bazoyumviriza. Muri Umugeni Yatoranije Atazogwa ariko Azoguma kuri Rirya Jambo Ataravye ico abasigaye bose b’isi bategerezwa kuRivugako. Muri Umugeni Jambo!

Imana Yabahishuriye iri banga rihambaye, kandi ni Ukuvuka Gushasha. Ubu Ibahuriza hamwe aho uguhishura kuri mu mwumvikano ntangere. Imana Ibivuga biciye mw’Ijambo ryaYo mu bikorwa bimwe, ibintu bimwe Yakoze, Ituma Ijambo Rigaragarira muri mwebwe.

Ese mutokwigera mwibagira, ko Mpwemu Yera, Wenyene, ari Umuhishuzi w’uguhishura kuvuye ku Mana kwa Kristo, kandi Yabibaye mu bihe vyose. Mwibuke, ibihe vyose ! Ni nde Ijambo ry’Uhoraho Ryajeko ? Umuhanuzi, wenyene.

Ndatahura ko mbwira ibihumbi bikoraniye kw’ibande, dufise igikorwa c’ibango c’amabande kw’isi yose. Kandi bisa naho dushobora gukorera ibande ng’aha imeze neza incuro icumi gusumba aho ari ho hose handi. Ndizigiye gusa ko umugabo wese n’umugore wese bumviriza iyi bande, bazotahura.

Rero ni ahabo namba bashaka kwumviriza ibande iyo ari yo yose, ariko sinshaka ko muhusha ibi. Mwebwe abantu b’ibande ; mu mashamba n’aho ari ho hose muyumviririza, ubu mwumvirize.

Dufise amabande y’ivyo twizeye. Dufise amabande ku rutonde rw’ishengero, ukuntu twigenza ubwacu mw’ishengero ry’Imana, ukuntu dutegerezwa kuza ng’aha hamwe no kwicara hamwe ahantu ho mw’Ijuru.

Nizigiye ko bose kw’ibande batahura ivyo. Namba mutsinzwe, mugaruke kuri iyi bande ubugira kandi. Sinzi igihe nzoba ndi kumwe namwe uko kingana. Mwibuke, Uku ni Ukuri, kwa NIKO UHORAHO AGIZE. Ni Ukuri. Ni Ivyanditswe.

Umutware ni Umubiri vyacitse ikintu kimwe. Ni Imana Igaragarira muri mwebwe, ihanga ryaYo. Ni yo mpamvu umugabo n’umugore batakibaye amahasa ; bari umwe. Imana n’Ishengero ryaYo ni umwe. « Kristo muri mwebwe, » uguhishura guhambaye kw’Imana.

Si ico ndavyibazako ; ni Ubushobozi bwaYo, ni Ijambo ryaYo. Yarabisezeranye ; ng’ibi. Yavuze ko vyobaye ng’aha, none ng’ibi. Muri abana b’Imana. Si muzoba ; MURI BO UBU !

Uzuza igikombe cacu Mwami, turakidugije Mwami, Uze maze umare iyi nyota y’ubugingo bwacu. Mutsima wo mw’Ijuru, Utugaburire, gushika aho ata bindi dushaka. Uzuza igikombe cacu, Ucuzuze kandi utugire abuzuye.
Mbega igihe c’umuvyuro tugiye kuzogira kw’isi yose mu gihe tuzokorana kuw’iyinga kwumviriza : Kristo ni Ibanga ry’Imana Ryahishuwe, Ubutumwa Bwavuzwe kw’igenekerezo rya mukakaro umwaka wa 1963 isasita kw’isaha y’i Jeffersonville (isakumi na zibiri mu Burundi).
MweneData Joseph Branham.

Ivyanditswe vyo gusoma :
Matayo 16:15-17
Luka igice ca 24
Yohana 5:24
Yohana 14:12
1 Ab’i Korinto igice ca 2
Abefeso igice ca 1
Ab’i Kolosayi igice ca 1
Ivyahishuriwe Yohana 7:9-10

22-0501 Imana NtIrengutsa Umuntu Mu Rubanza Itabanje Kumuburira

Ubutumwa: 63-0724 Imana NtIrengutsa Umuntu Mu Rubanza Itabanje Kumuburira

Kuvoma Ubutumwa

Ibimenyeshejwe Ibimenyeshejwe ku bijanye n’ugusobanura mu zindi ndimi bikorerwa muri Branham Tabernacle

Mukunzi Kuma Gatoya, Icuma Gikuru canke ico woba uri cose,

Twese turi Umubiri wa Kristo, mu gihagararo cacu, mu mwumvikano, tugerageza kuMukorera akazi dushobora. Nta bindi bibazo na bimwe kuri twebwe, atari Ijambo ryiWe, ubu Butumwa.

Turakunda gusa kwumva umuhanuzi w’Imana atubwira ati, « Hariho ikintu kinaka nyene kuri mwebwe abantu banaka. Muri abantu badasanzwe nyene mu buzima bwanje. Hariho ikintu kinaka kindi nyene gituma nkunda guhura namwe no kuvugana namwe gusa. »

« Ndaba hirya no hino mu gikorwa c’Imana canje bwite gitoya giciye bugufi ; Yesu Kristo Wawundi ejo, uno munsi no mu bihe bidashira, kandi mbona ico Bikora ; uguhamagara no kwegeraniriza hamwe umugwi w’Umugeni. Ni ukurotsa Ipine mu yindi Pine ».

Turazi ko atari umuntu, Ni Ijambo ry’Imana Ririko Rirashira Umugeni hamwe. Ibintu tubona bikoreka nta wundi abikora kiretse Imana. Nti hakiriho za “nkumbure rero, vyoshoboka, bisa naho vyoshobora kuba”, NI IMANA !!

Twarashitse harya hantu, ahari Imaragarita y’igiciro kininiya kuri twebwe. Twagiye kure y’ikintu ico ari co cose c’uko uwo ari we wese wundi atubwira ikinyuranye na Ryo. Ntituraba ku co umuntu yashitseko canke avuga, turaba ku co Imana Yavuze n’ico Yasezeranye ko Yokora muri iki gihe cacu, kandi turaYibona Ibikora.

Ico ni Icishimikizo Ntanyiganyizwa cacu. Ikintu cose turi , ikintu cose twabaye, ikintu cose twipfuza kuba, kiri kuri ubu Butumwa. Kirengeye ubuzima kuri twebwe.
Nk’uko bitigeze mbere muri kahise k’isi, turabona Imana Itanga imburi, Itegura urubanza. Ibisasu kirimbuzi biri mu bubiko bwavyo, ikintu cose kirateguwe.

Iki gihe, si ku mugwi mutoya w’abantu gusa, nk’uko vyari bimeze mu minsi ya Nowa, canke mu minsi ya Aburahamu ; ni Imana Iburira abantu kw’isi, Ivugira mu muhanuzi waYo, iyi ni imburi yanyu ya nyuma.

Itubwira Iti, « Imbere yuko Nshobora kureka ngo iki kintu kibe, Ndiko Ndagira ihamagara rya nyuma, neza nk’uko Nabikoreye Sodomu, ni muveyo. Ni mwitegure. Hariho ikintu kinaka kigiye kuba. »

Isi iharura ku vyo bashitseko vy’ubumenyi buhambaye ; ukuvanga imbuto vyazaniye urunganwe urupfu . Abanyabwenge n’abize baja mu ruhande rw’abantu bazi ubwenge. ISHIRAHAMWE MPUZAMAKUNGU (ONU), UBUMWE BW’IBIHUGU BIFATANIRIZA HAMWE KURWANYA UMWANSI(OTAN), Ishirahamwe ry’Ibihugu. Buri munsi tubona urubanza ruguma rwegereza. Ivyo umuhanuzi yabonye ari kure kandi yatubwiye ko vyoshika, biriko birashika : Uburusiya, Intambara, Igitoro, Vaticano, Abayuda, Ibisasu Ruhonyanganda.

Nta kundi kwibaza ikigiye kuba. Turavyitegereza bishika buri munsi, kandi ubwoba mw’isi ni ikintu kiriho kandi kigenda kiba kininiya birushirije buri munsi.

Ariko neza nk’uko Yakoze mu minsi ya Hezekiya, igihe Imana Yavugira mu muhanuzi waYo kandi Yaburiye abantu, Ivuga Iti, « Mwitegure, kuko imanza ziriteguye kuba ». Umuhanuzi waYo yariko arategurira abantu igihe cariko kiraza.

Nowa yateguye abantu kubw’igihe ciwe. Wari umuhamagaro w’imbabazi imbere y’urubanza. Imana Ifise inzira Yatanze, umuhanuzi wo kubarongora.

Kandi Yama Irungikana Ijambo RyaYo Iciye ku muhanuzi waYo, nk’uko yabigize mu gihe ca Nowa. Yakoze ikintu nk’ico mu minsi ya Nowa. Mu minsi ya Eli-… ya Mose, turabona yuko Yakoze co kimwe. Yabarungikiye uwuvugishwa naYo, maze bitandukanya n’ukutizera. Rero, abantu nk’abo nibo basohotse. Abantu nk’abo nibo baRyizeye.

Twaritandukanije ubwacu n’ukutizera kwose. Imana Ifise inzira Yahaye Umugeni iki gihe. Yadusezeraniye mw’Ijambo ryaYo Iti, “Imbere y’urubanza, Nzobarungikira umuhanuzi gukoranya Ubusho bwaNje butoya buciye bugufi, kandi Nzobicarika mu ruhande rumwe, kandi bazoba mu mahoro, barindiriye urubanza rwimirije n’uguhunga.”

Turi ubwo Busho butoya. Turi abo Data Akunda kandi turindiranye igishika Ukuza kwiWe kuri hafi. Isi iriko irasenyagurika iruhande yacu hose, ariko turi mu karuhuko no mu mahoro.

Turazi ko turi mu bugombe bwiWe butunganye. Ntaco bitwaye aho turi mw’isi, Imana Yateguye inzira dushobora twese guhuriramwo kw’Ijambo ryaYo, kw’Ijwi ryaYo. Ni Inzira Imana Yatanze.

Kandi uyu muhanuzi yabayoboreye ku nzira Imana Yatanze. Ubu, ni Uburyo bw’Imana bwo gukora ibintu. Murabona?

Ni Muze muhungire urubanza rwimirije hamwe na twe maze twumvirize : Imana Ntirengutsa Umuntu Mu Rubanza Itabanje Kumuburira, Ubutumwa Bwavuzwe kw’igenekerezo rya 24 mukakaro umwaka wa 1963, kuri uyu w’iyinga isasita, kw’isaha ya Jeffersonville (isakumi na zibiri i Burundi). Ni Ijwi ry’Imana Rivuga kandi Ritubwira riti : Iyi ni inzira yaNje yateguwe y’iki gihe.

MweneData Joseph Branham.

Ivyanditswe vyo gusoma mbere yo kwumviriza Ubutumwa :
Yesaya 38:1-5
Amosi Igice ca 1

22-0424 Aritwararika. Mbega Weho?

Ubutumwa: 63-0721 Aritwararika. Mbega Weho?

Kuvoma Ubutumwa

Ibimenyeshejwe Ibimenyeshejwe ku bijanye n’ugusobanura mu zindi ndimi bikorerwa muri Branham Tabernacle

Mukunzi Mugeni wo Kuvayo,

Nk’uko abana b’Abaheburayo bakorana kare mu gitondo gurtyo ngo baronke manu yaba yabaronkejwe mw’ijoro, kugira ngo ibashigikire ku munsi ugiye kuza, natwe dukoranye kubwa Manu ya mpwemu yaduhawe kugira ngo idushigikire mu rugendo rwacu.

Umugeni Yegeranirijwe hamwe muri ukwo guhuza n’Imana, gushika n’aho ukugaragara kw’Umukwe kugaragarira mu Mugeni. Tumata kw’Ijambo Ryose Ryavuzwe kandi twacitse, Umwe hamwe na WE.

Ukugabitanya kw’ibihugu kwaruzuye. Biranduye. Ubu ni igihe c’ukuvayo kwacu tuja mu Gihugu c’Isezerano, Imuhira Iwacu. Umuteni Yariteguye ubwiWe.

Nk’uko Yakoze mu kuvayo kwaYo kwa mbere, mu kuvayo kwaYo kwa kabiri, n’ubu mu kuvayo kwaYo kwa gatatu, Imana Yatoye kandi Yaturungikiye umuhanuzi hamwe n’ikimenyetso c’Isingabwenge c’Inkingi y’Umuriro, ku buryo abantu batokwihenda, kandi bomenya ko ari we Yatoye wo kurongora Umugeni waYo.

Ivyo umuhanuzi waYo yavuze vyari, Uko Niko Uhoraho Agize. Yari Imana, Yamanutse mu Nkingi y’Umuriro, Igaragaza kandi Ihishura Ijambo ryaYo. Irya Nkingi y’Umuriro Yasize umuhanuzi waYo kandi Yagahaze nk’Icabona co mw’Ijuru co kwemeza ko yari uwatorewe kurongorera Umugeni waYo mu Gihugu c’Isezerano.

Twizera ko amashengero yose yotegerejwe gufataniriza hamwe munsi y’iri Jwi, kandi atari ukwicamwo ibice. Ni igiki cadutandukanije ? Si amabara y’urukoba rwacu. Si ubwoko bw’imfungurwa dufungura. Ni umuntu yavuye mu kayira k’inyigisho y’Ubutumwa Bwiza, umuntu wese.

Hari UBURYO BUMWE bwonyene bwo kwerekana bidasubirwamwo ko hari iciza n’ikibi. Uburyo bumwe bwonyene bwo kubikora, ni mu kudashira insiguro iyo ari yo yose kw’Ijambo, uretse vyonyene kuRisoma gusa, no kuRyumviriza, no kwizera Ijambo Ryose.

Ariko yavuze ko batabikora kubera ishari, kubera ubuhumyi bwa mpwemu. Ntibashaka kubona. NtibazoRyumviriza.

Imana Yo mw’Ijuru Izohaguruka, kandi ijwi ryanje rizoba kw’ibande y’igihe gihambaye c’Imana hariya, kandi rizocirako iteka uru runganwe mu gihe ca nyuma. Kubera, ri—riri kw’ibande, hanyuma rizoba kw’ibande y’Ibihe Bidashira ico gihe.

Ni Imana ubwaYo, Yagaragaye mu mubiri w’umuntu, biciye mu Maraso ya Yesu Kristo, kugira ngo Yeze ubuzima Yoshobora kwiyerekanamwo ubwaYo, kandi iki gihe babamba iryo Jambo nyene Ryagaragajwe.

Kandi rero ese abo bariko barumviriza biciye mu buryo bwa bande, ese bokwumviriza neza. Kandi ese boshobora gutahura ico Mpwemu Yera Agerageza kuduhishurira.

TWARATAHUYE ico Mpwemu Yera Agerageza kuduhishurira, kandi twese tugiye mu Gihugu c’Isezerano. Umwe wese muri twebwe ! Naho woba umugore akora ibikorwa vyo muhira, canke naho woba umukobwa mutoya akora akazi ko mu rugo, canke naho woba uri umutamakazi, canke umusore, canke umutama, canke ico woba uri cose, turagiye, ivyo ari vyo vyose. Nta n’umwe muri twebwe agiye gusigara. Umwe wese muri twebwe aragiye !!!

Ntibishoboka na gatoya ku Mana kutagumya Ijambo ryaYo kuri twebwe, namba twaragumije ijambo ryacu ku Mana. Namba vy’ukuri uRyizeye, nta na kimwe gishobora kugutuma ubikekeranya. Igihe, ikibanza, nta na kimwe kindi gishobora kudutuma turikekeranya.

Iratwitwararika cane rwose ku buryo Yaturungikiye umuhanuzi wo kuyobora ihanga ryaYo Yatoranije, mu kuduha uburyo bwo guhunga. Ntatwitwararika vyonyene mu kudusohora, Yaduhaye ikintu cose dukeneye mu gihe c’urugendo rwacu. Yatuneshereje umwansi wese. Adukiza indwara iyo turwaye. Yatubikiye Manu Inyegejwe yo kutugaburira buri munsi ; Yanatsinze urupfu, ico mutegerezwa gukora conyene ni ukuba imvugakuri no kuRyizera.

Twatoranirijwe Ubugingo Budashira. TuraRyumviriza kandi turaRinezerererwa. Ni Ukwirurwa kwacu. Ni co Kintu twipfuje ubuzima bwacu bwose. Ni irya Maragarita twahebeye ikintu cose. TuraYishaka kuko tuzi ko umwitwarariko w’urukundo rw’Imana kuri twebwe.

Mbega urakeneye ICO ARI CO COSE, mu buryo bwa mpwemu, bw’umubiri, canke gusa urugendo rwa hafi, canke rwuzuye canke rwongeye kwuzura Mpwemu Yera ubugira kandi ? Ni uze wiyunge natwe hirya no hino y’Ijambo ry’Imana n’uburyo bwatanzwe bw’iki gihe kandi uronke ico ukeneye, NAMBA WITWARARIKA. Yasezeranye kuRirungika, kandi Yarabikoze ! YaBisezeranye mw’Ijambo RyaYo, kandi ng’Iri ! Aritwararika, none ubu weho ?

Hazoba ikintu kinaka mu mutima wawe kikubwira kiti, « ingorane zanje zaheze. Ngiye kumera neza. Ngiye kwuzura. Ngiye kuba hafi yaYo. Ndi Umugeni WaYo. »

Ni muze dufatanye kuw’iyinga isasita, isaha y’i Jeffersonville (isakumi na zibiri zo ku mugoroba mu Burundi), mu gihe twumviriza : « Aritwararika. Mbega weho ? Ubutumwa Bwavuzwe kw’igenekerezo rya 21 mukakaro umwaka wa 1963.

Hagiye kuba umunsi mukuru uhambaye muniniya w’urukundo mu gihe muzoMwumva Ababwira ko Abitwararika, ku zuba canke mu gitutu, Arabitwaririka.
MweneData Joseph Branham.

Ivyanditswe vyo gusoma imbere yo gutangura igikorane :

Yohana 5 :24
Yohana 15 :26
1 Petero 5 :1-7
Abaheburayo 4:1-4

22-0414 Ukuvayo Kwa Gatatu

Ubutumwa: 63-0630m Ukuvayo Kwa Gatatu

Kuvoma Ubutumwa m4a

Kuvoma Ubutumwa ogg

Ibimenyeshejwe Ibimenyeshejwe ku bijanye n’ugusobanura mu zindi ndimi bikorerwa muri Branham Tabernacle

Mukunzi MUGENI WUNZE UBUMWE Avuga IJAMBO,

Ni igihe gihambaye kuruta ibindi vy’ubuzima bwanje, bagenzi banje ! Tubona Ijambo Rishitswa neza imbere y’amaso yacu nk’uko bitigeze biba mbere. Ese ukuntu bikabura kumenya Uwo Ari We, n’ intumwa Yarungitse iyo ari yo, hamwe rero no KUMENYA ABO TURI BO ! Urakoze Data. Ntitwigeze twiyumvira ko ibi bintu vyoshika uku, ariko ng’ibi birashitse neza imbere y’amaso yacu, neza na neza uko umuhanuzi waWe yabivuze kw’ibande.

Mfise igishika cinshi co kubona Mpwemu Yera waYo Adukwegera irihande yaYo birushirije gusumba uko vyigeze kuba mbere kuri iyi mpera y’iyinga ya Pasika. Ndipfuza gutumira umwe wese muri mwebwe gufatanya natwe muri ubu Butumwa, hamwe n’Umugeni waYo kw’isi yose.

Rero, igihe ikintu gitoya gishitse, ni kuki wigenza nk’uruyoya ? Wotegerejwe kuba umugabo. Bwira iryo hanga uti, « amen, « hanyuma ubandanye ! » Amen. Ni ivyo. “Ntutake, Vuga!” Amen. Yooo, ivyo ndabikunda. “Ni kuki untakira? Bwira iryo hanga maze ubandanye ku ntumbero yawe. Ico ari co cose, namba ari indwara, canke ico ari co cose, kuzura abapfuye, canke ico ari co cose, vuga! Naravyemeje. Bwira iryo hanga.”

Ese akaryo dufise ko gukabura ukwizera kwacu, ku buryo natwe dushobora kuvuga IJAMBO. Ni muze mukorane n’Umugeni muri iyi mpera y’iyinga ya Pasika, mu gihe twitegurira Ukuvayo kwa nyuma. Ubuzima bwacu butegerezwa kuba bubereye Ubutumwa Bwiza, kuko uru runganwe ruri mu Kirego. ARIKO nta mpamvu UBU ku Mugeni yo gutaka, ATARI KUVUGA! Bandanya ku ntumbero yawe. Izina ry’Umwami Rishimwe.

Nk’uko dusanzwe dukora mu mpera y’iyinga ya Pasika, twishire kure y’isi uko dushobora kwose mu kuzimya amatelefone yacu kiretse mu gufata amafoto, kwumviriza Igisomwa c’Umunsi, no kuvuza amabande ku rubuga Lifeline canke ku rubuga tuvomamwo Ubutumwa. Ni muze twegurire rwose Umwami iyi mpera y’iyinga ihezagiye, maze ntitugire iyi Pasika umwanya w’ibirori, ariko ukwiyegurira Ijambo, mu mazu yacu. Nipfuza ko twese twunga ubumwe ku kirangaminsi gikurikira, mu gihe co mu Buseruko, kiretse habonetse ayandi mabwirizwa.

KUWA KANE

Hari kuwa kane mw’ijoro aho Umwami Yesu Yagira Isangira Ryera rya nyuma hamwe n’abigishwa biWe mu kwibuka Pasika imbere yo kuvayo kw’abana b’Abisirayeli. Ese akaryo ko gusangira n’Umwami mu mazu yacu, imbere y’impera y’iyinga ihezagiye, no kuMusaba kuduhezagira n’imiryango yacu, no kuduha twese ivyo dukeneye vyose mu rugendo rwacu.

Data Wo mw’Ijuru, turakenguruka kuri ibi, uwundi mwanya wo gukoranira hamwe, muri uru ruhande rw’Ibihe Bidashira. Kandi turindiriye iki gitondo kubw’ukwiyubura kw’inkomezi ziva kuri Wewe, zo kudutera intege kubw’urugendo ruturindiriye. Dukoranye nk’uko abana b’Abaheburayo bakoze, kare mu gitondo, kugira ngo baronke manu yaba yabonetse kubwabo mw’ijoro, yo kubashigikira ku munsi ukurikira. Dukoranye kubwa Manu ya mpwemu, iki gitondo, yo kuduha inkomezi z’urugendo.

Ni muze mwese dutangure isaha icumi na zibiri zo ku mugoroba kw’isaha y’aho duherereye, maze tuMwumvirize Atutwira ko turi mu Kuvayo kwa nyuma, mu gihe dukoranye dukikuje Intebe yiWe twumviriza Ubutumwa : Ukuvayo kwa Gatatu, Ubutumwa Bwavuzwe kw’igenekerezo rya 30 Ruheshi mu gitondo, umwaka wa 1963.

Inyuma y’ubwo Butumwa, tuzokoranira hamwe n’imiryango yacu mu mazu yacu maze dufate Ingaburo y’Umwami.

Tuzoronka vuba umuhora wo kuvoma ibande n’igikorane c’Ingaburo Yera, canke bizoboneka ku gihe c’igikorane categekanijwe kuri The Voice Radio, ku muhora wa Lifeline.

KUWA GATANU

Ni muze tuje mu masengesho hamwe n’imiryango yacu isatatu zo mu gitondo (isacenda kw’isaha yo mu Burundi) , hanyuma rero ubugira kandi isasita zo ku murango (isakumi na zibiri z’umugoroba mu Burundi) , dutumire Umwami kuba hamwe natwe n’Umugeni wo kw’isi yose kuri iyi mpera y’iyinga idasanzwe ; no kwuzuza amazu yacu Mpwemu Yera WiWe mu gihe twishikanye ubwacu kuMusenga.

Ivyiyumviro vyacu bihindukirire urya munsi kuri Kaluvariyo, haraheze imyaka irenga 2000, kugira ngo tubone Umukiza Wacu Amanitswe ku musaraba, kandi rero twiyemeze nyene gukora iminsi yose ibihimbara Data.

Ubu ni mwitegereze. Igihe Yaza mw’isi, mu gihe hari ukutizera kwinshi, nk’ukwamye kuri mw’isi ubu nyene, ntivyaMutumye Akora bigurintege. Yabandanije yigisha vya bindi nyene; AKiza indwara kwakundi nyene. Ntivyigeze biMuhungabanya. Hariho abanegura. Uwo Mugabo Yaneguwe kuva igihe Yari Akiri Uruyoya gushika Apfiriye ku musaraba. Mbega vyaraMuhagaritse? Oya, mugenzi. Intumbero yiWe yari iyihe ? Gukora iminsi yose ico Data Yanditse. Gukora iminsi yose ikiMuhimbara.

Hanyuma isasita n’igice, (isakumi na zibiri n’inusu mu Burundi), twiyumvire dushimitse ku kibazo c’inkoramutima mu buzima bwacu, mu gihe dukoranye dukikuje Intebe yiWe kugira ngo twumvirize Ubutumwa : Mbega Ubuzima bwacu Bubereye Ubutumwa Bwiza? Ubutumwa Bwavuzwe kw’igenekerezo rya 30 Ruheshi ku mugoroba umwaka wa 1963.

Hanyuma dusubire duhurire hamwe mu masengesho isacenda ku muhingamo (isatatu z’ijoro mu Burundi) mu kwibuka ukubambwa kw’Umwami Wacu.

KUWA GATANDATU

Twunge ubumwe twese mu masengesho isatatu zo mu gitondo, (isacenda mu Burundi) na sasita ku murango (isakumi na zibiri ku mugoroba mu Burundi) kandi dutegure imitima yacu ku bintu bihambaye Azodukorera hagati yacu.

“Amaze kuzana ikirego ku bagenzi banje—banje b’abakuru b’amadini hariya, kandi nategerezwa kuvuga ibi bintu bigumye, ariko, Mwami, nabikoze mu guhumekerwa kwaWe. Numva Warambwiye kubikora. Ubu bimvuye ku bitugu, Mwami, nda—ndanezerewe ko bimvuyeko. Babikoreshe ico bashaka, Data, ndasaba ko bazovyakira. Ndasaba ko Uzokiza umwe wese, Mwami. Haze umuvyuro w’abagororotsi, n’Ubushobozi buhambaye buze hagati mw’Ishengero neza imbere yuko Rigenda. jewe… Si ibigoye gusaba ivyo, kuko Warabisezeranye. Kandi turindiriye, Mwami, kurya gukwegwa kwa gatatu, tuzi ko Uzoshitsa ibintu bihambaye hagati yacu.”

Hanyuma, isasita n’igice (isakumi na zibiri n’igice i Burundi), tuzoja hamwe twese kwumviriza IJAMBO : Ikirego, Ubutumwa bwavuzwe kw’igenekerezo rya 7 mukakaro mu gitondo, umwaka wa 1963. Mbega UMUNSI UHAMBAYE ugiye kuba ku Mugeni kw’isi yose.

Hanyuma dusubire duhurire hamwe mu masengesho isacenda ku muhingamo (isatatu z’ijoro mu Burundi) mu kwibuka ukubambwa kw’Umwami Wacu.

KUW’IYINGA

Mbega umunsi uhambaye wo kutagisubira gutaka, kiretse KUVUGA! Mbega igitondo c’izuka ! Ni muze tuvyuke kare nk’uko mweneData Branham yakoze kirya gitondo, igihe umugenzi wiwe mutoya, irya nyoni bita rouge gorge, yamukanguye isakumi n’imwe zo mu gitondo. Dushimire gusa Umwami ko Yazuye Yesu mu bapfuye.

“Isakumi n’imwe muri iki gitondo, umugenzi wanje mutoya w’igikiriza gitukura yagurukiye kw’idirisha maze arankangura. Nkaho umutima wayo mutoya woturika, ivuga iti, “Yazutse.”

Isatatu zo mu gitondo (isacenda ku muhingamo mu Burundi) ni muze twifatanye ubugira kandi bivuye ku mutima mu murongo wacu w’amasengesho, dusengeranira kandi twitegurira kwumva Ijwi ry’Imana.

Isasita n’igice ku muhingamo (isakumi na zibiri n’igice zo ku mugoroba mu Burundi) tuzoja hamwe kwumviriza Ubutumwa bwacu bwa Pasika : Ni kuki Utaka ? Vuga! Ubutumwa Bwavuzwe kw’igenekerezo rya 14 mukakaro mu gitondo umwaka wa 1963.

Inyuma y’iki gikorane, ni muze twunge ubumwe ubugira kandi mu masengesho, tuMushimira ku MPERA Y’IYINGA Y’IGITANGAZA YADUHAHE HAMWE NA WE N’UMUGENI WIWE KW’ISI YOSE.

Kuri beneData na bashikanje bo hakurya y’amazi, ndipfuza kubatumira kwunga ubumwe natwe kuri ibi birori kw’isaha ya Jeffersonville, mu bihe vyose vy’amasengesho vyo kuri iki kirangaminsi no kw’ibande izovuzwa kuw’iyinga mu gitondo. Ndatahura, uko biri kwose, ko kuvuza Amabande ku wa kane, ku wa gatanu no kuwa gatandatu ku muhingamo kw’isaha y’i Jeffersonville vyoba bigoye cane kuri benshi muri mwebwe, ku bw’ivyo ndabasavye muzokwumve umwidegemvyo wo kuvuza ubwo Butumwa ku gihe ico ari co cose c’umunsi kibabereye ciza. Nipfuza, uko biri kwose, kuri twese ko dukoranira hamwe kuw’iyinga isasita n’igice ku murango kw’isaha ya Jeffersonville, (isakumi na zibiri n’igice ku mugoroba mu Burundi) kwumviririza hamwe Ubutumwa bwacu bwo kuw’iyinga.

Nipfuza kandi gubatumira mwebwe n’abana banyu kuba mu bikorwa vya Creations na tutorials n’ama quiz y’abakiri batoya ivyo umuryango wanyu wose unezerererwa hamwe. Twibaza ko mubikunda mu gihe vyose bishingiye kw’IJAMBO tuzoba twumviriza iyi mpera y’iyinga.

Kubw’ikirangaminsi c’impera y’iyinga, amakuru ku gutegura igikorane c’Ingaburo Yera, ibikoresho bizokenerwa ku nteguro za Creations, ama quiz ya Pasika, n’ayandi makuru, rabe imihora iri munsi.

Ni iteka kuri jewe kubatumira mwebwe n’umuryango wanyu kuza hamwe n’Umugeni kw’isi yose w’impera y’iyinga yuzuye UGUSENGA, UGUHIMBAZA N’UGUKIRA INDWARA. Nizeye ko vy’ukuri izoba impera y’iyinga izohindura ubuzima bwanyu ibihe vyose.

MweneData Joseph Branham.

22-0403 UKURAVYA KW’IKIMURI GITUKURA NK’IKIMENYETSO C’UKUZA KWIWE

Ubutumwa: 63-0623E UKURAVYA KW’IKIMURI GITUKURA NK’IKIMENYETSO C’UKUZA KWIWE

Kuvoma Ubutumwa

Ibimenyeshejwe Ibimenyeshejwe ku bijanye n’ugusobanura mu zindi ndimi bikorerwa muri Branham Tabernacle

Abinjiye Twese,
Imana Ishimwe, es’igihe tubayemwo. Twumviriza Ubutumwa Bwemejwe, n’igikorw cose, kuba Yesu Kristo ari wa Wundi ejo, uno munsi, no mu bihe bidashira. Bwakoze ibintu bimwe nyene Yakoze igihe Yari ng’aha kw’isi; Yakijije abarwaye, Yari Azi ivyiyumviro vyo mu bwenge, Yerekanye ibintu bigiye kuba, Yazuye abapfuye, kandi igihe cose, Vyari bitunganye.

Amazi yarogeje ubutaka bwose bwo ku gasongero k’umusozi. Nta na kimwe casigaye kiretse Igitandara. Hariho Ivyandiko vy’insigabwenge kuri ico Gitandara, ku buryo Imana Yaturungikiye umuhanuzi waYo w’inkomezi gusobanurira Umugeni waYo ivyo Vyandiko. Ubu Bibiliya Yarasiguwe neza.

Yatwaye umumarayika waYo w’inkomezi ku musozi kandi Yashize INKOTA Y’UMWAMI MU KIGANZA CIWE. Umumarayika waYo yaciye atema agasongero k’uwo musozi aze arawuduza. Imbere yawo hari igitandara cera, ikintu kinaka c’ubwoko bw’ibuye bita granite ritari rinanditseko.

Yatubwiye kuraba kuri Ivyo mu gihe yaja mu Burengero. Yaciye aduzwa hagati y’Abamarayika Ndwi maze aragaruka hanyuma aduhishurira IVYO VYOSE BITARI BINANDITSE MURI ICO GITANDARA.

“Uyu ni umusavyi waNje. Kandi Namuhamagariye kuba umuhanuzi w’igihe, kurongora ihanga neza nk’uko Mose yakoze. Kandi yahawe ububasha, yashobora kuvuga bikaba.” Canke ikintu kinaka nk’ico, nk’uko Mose yakoze, nko kuvugira mu masazi. Kandi turazi ivyerekeye inkezi, n’ibindi, n’ibintu vyamaze kuba. Hattie Wright mutoya hariya inyuma, nibaza ko muzi ivyabaye mu nzu yiwe.

W-I-L-L-I-A-M M-A-R-R-I-O-N B-R-A-N-H-A-M ni umuntu w’Imana Yatoreye kurongora Umugeni waYo w’iki gihe. Ni umubiri Yatoye kutubwiriramwo nk’uko Yakoze igihe Yaza mu mubiri haraheze imyaka 2000. Icanditswe cose Kiravyemeza. Mpwemu Yera Yarabihishuye. Ubu hariho ivyo vyizigiro, dufise UGUHISHURIRWA KW’UKURI kw’uwo We Yari , uwo We Ari n’abo TURI : Umugeni WaYo Mukundwa Yatoye.

Turazi ko turi mu Bugombe BwaYo Butunganye mu kugumana n’Ijambo RyaYo. Bizana uwo munezero n’uguhimbarwa. Ntibishoboka kuvuga mu majambo asanzwe ico bisigura kuri twebwe?

Twamye tuzi ibwina mu mutima wacu no mu bugingo bwacu ko hariho ikintu gitandukanye hariya. Twamenye, n’igihe twari mu vyaha, ko hariho ikintu kinaka hariya tutashobora gusigura, ariko cari hariya gusa. Ubu TURAZI. Ntitwigeze twiyumva nk’uku mbere, nta gukekeranya kukihari, nta kwibaza kukihari, nta kubaza kukihari. Bimase kandi vyanditse mu bugingo bwacu. IMANA ISHIMWE!!

Turi urunganwe rutazokurwaho gushika ibi bintu vyose bishitse. Turi urunganwe rubona kwa kureka Imana gushika imbere y’amaso yacu. Igihe kirageze. Ikimuri gitukura kiravya, nk’ikimenyetso c’Ukuza kwiWe, kiri ng’aha. Ukugabisha kwa nyuma kwaYo kurashitse.

Urupfu n’ugusambura vyose biradukikuje. Tuba muri Sodomu na Gomora? Umwanda, icaha, umutima w’abantu urandurwa n’ubwoba, ibisasu kirimbuzi, agahinda mu bihugu, kandi igihe cose twunze ubumwe kandi twicaye hamwe ahantu ho mw’Ijuru nk’uko Imana ubwaYo Itubwira, NTIMUGIRE UBWOBA, MURI UMUKUNZI WANJE. Nta na kimwe gishobora kubashikira. Mureke gusa imitima yanyu igurugumbire muri mwebwe mu gihe mvugana namwe mu nzira kandi ndababwira ko, MURI UMUGENI WANJE.

Ni muze mufatanye natwe kuri uyu w’iyinga isasita kw’isaha y’i Jeffersonville (isakumi na zibiri ku mugoroba mu Burundi), mu gihe hari urwamo ruriko ruravuga. Ukuboko kuramanutse. Ikimuri gitukura catanguye kuravya. Namba witeguriye kujana natwe, vyoba vyiza ujugunye hasi rirya saho ry’ibiyoba, uhagarike kuvuga, uterure amavalisi yawe, kandi witegure, atari uko uzosigwa inyuma, kuko ahagarara ng’aha gusa umwanya mutoya gusa. Aje kuvuga : Ukuravya kw’Ikimuri Gitukura nk’Ikimenyetso c’Ukuza kwiWe, Ubutumwa Bwavuzwe kw’igenekerezo rya 23 Ruheshi ku mugoroba, umwaka wa 1963.

MweneData Joseph Branham.

Ivyanditswe vyo gusoma imbere y’Ubutumwa :

Matayo 5:28
Matayo 22:20
Matayo 24
2 Timoteyo : 4
Yuda 1:7
Itanguriro 6

22-0327 Guhagarara Mu Canzo

Ubutumwa: 63-0623M Guhagarara Mu Canzo

Kuvoma Ubutumwa

Ibimenyeshejwe Ibimenyeshejwe ku bijanye n’ugusobanura mu zindi ndimi bikorerwa muri Branham Tabernacle

Bakunzi Bizigirwa,

Aya mayinga aheze habaye igihe c’ubwiza gusumba ibindi mu buzima bwacu bwose. Vyabaye ibihe bihambaye kuruta ibindi vyo kuba mu bumwe n’Umugeni waYo kw’isi yose, twumviriza Imana Ihishura Udushashara Ndwi.

Mbega twariko turumviriza iki twese turi umwe dukoraniye hamwe ?

Imbere y’irya piramide, hariho Ibuye Ryera Ritari Ryanditseko. » Niyo mpamvu nategerezwa kuja mu burengero, kuja kubonana n’Abamalayika bari bafise Ubutumwa, kugaruka ng’aha kuBuhishurira ishengero.

Yategerezwa kuja mu burengero kugira ngo abonane n’abo Bamarayika Ndwi, kugaruka kuduhishurira ibitari binanditse ; ariko ubu, mu Guhishura, vyaraduhishuriwe kandi biduha Ukwizera kw’Izamurwa.

Twarumvise ubu Butumwa ubuzima bwacu bwose, ariko ubu burahishuwe nk’uko butigeze buba mbere ; ubu ni umunsi, ubu ni igihe. Turabona kandi turumva ico Yatubwiye ko kigiye kuba, hompi, mw’isi no muri ubu Butumwa, kandi ubu biriko biragaragarira amaso yacu nyene.

Mbega intumwa mumarayika wacu w’indwi yari umuhanuzi gusa nk’abahanuzi ba kera ? Oya, yahamagariwe igikorwa kiri hejuru cane gusumba abahanuzi bose b’imbere yiwe. Kuko yari Umwana w’Umuntu Yihishura ubwiWe mu mubiri w’umuntu nk’uko Yabikoze haraheze imyaka ibihumbi bibiri. Umuhanuzi wacu yahamagariwe KURONGORA UMUGENI gushika i Muhira iwaca hashasha hanyuma akatwereka Umwami.

Yatubwiye ko ibango ry’igikorwa ciwe cagereranywa n’ubuzima bwa Mose mu buryo butunganye. Mu gihe Mose yari mu rugendo rwiwe akurikira Inkingi y’Umuriro, abantu barahagurutse maze baramurwanya. Abo bantu bari barahamagariwe gusohoka kandi bari ku nzira yabo baja mu gihugu c’isezerano. Barwanije Mose mu kuvuga ko yishize hejuru ; si we wenyene yari uwera yahamagawe, nabo bari abera kandi bari bakeneye kwigisha ikintu kinaka nabo.

Yavuze ko bari abera, kandi vy’ukuri bari bafise ikintu kinaka co gukora, ariko Imana Yari YaraMUhamagaye, MOSE, UMUNTU UMWE, kurongora ihanga.

Bari bafise ikibanza cabo. Bari basizwe. Bariko barakora ico bari barahamagariwe kandi bagenewe gukora mu kubwira ihanga bati, « mwumvirize Mose », ariko bashaka kuvuga IKINDI KINTU KINAKA, CANKE GUSIGURA ICO MOSE YAVUGA. Ntibari bahagijwe no kwereka gusa abantu kwumviriza Mose. Bashaka kurongora ihanga. Bashaka gukora ikindi kintu kinaka, canke gitandukanye, gusumba ico bari barahawe gukora.

Namba uhora ukekeranya mu vyiyumviro vyawe umuhanuzi wacu uwo ari we, canke ico yari yarahamariwe gukora, ndagutumiye kuja mu burengero kuraba urufatane rw’umusozi Imana ubwaYo Yakoze nk’ikimenyetso c’ibihe bidashira kw’isi, mu gushira izina ry’umuhanuzi wacu, B-R-A-N-H-A-M, kuri urya musozi.

Uri Umugeni wa Yesu Kristo. Yaraguhisemwo kandi Yaragutoranije. Ijambo RyiWe Riba kandi Rigerera muri wewe. Uri Ijambo Rizima Ryihaye umubiri. Yaguhaye Uguhishurirwa kw’Ijambo ryiWe. Satani nta bubasha afise kuri wewe . Kurya Kwizera kw’Izamurwa kwibera kandi kugerera muri wewe.

Mpwemu Yera Arongora Umugeni WiWe n’inzira yiWE yonyene Yatanze y’iki gihe, Ijambo RyiWe Ryavuzwe n’umuhanuzi Mumarayika wiWe w’indwi. Urya muhanuzi ni umwungere wacu.

Umwungere wacu yadusezeraniye ko ibande nshasha iyo ari yo yose yozanana ubwa mbere mu Kigega, gushika aho Umwami Abihinduye. Kuko ni hariya amabande yabitswe yokorerwa.

Vyongeye Yategetse umwungere mwunganizi mweneData Neville, hanyuma ubu kubw’Ubuntu bwiWe, ni jewe ubwanje, ico twotegerezwa gukora kw’ishengero.

Ndasaba ko Uzofasha umwungere wacu mukundwa, mweneData Neville. Umugire, Mwami, uwuzuye ubuntu kandi yuzure ubushobozi, kandi hamwe n’ugutahura, kugira ngo ashobore gufata ibi Bifungurwa vyabitswe maze agaburire imyagazi y’Imana.

Aya ma bande ni ay’abo umuhanuzi yahamagariwe kubera umwungere. Namba ushaka kwumviriza UKO NIKO UHORAHO AGIZE, ni uze wumvirize hamwe natwe kuw’iyinga isasita kw’isaha y’i Jeffersonville (isaha icumi na zibiri zo ku mugoroba kw’isaha y’i Burundi): Guhagarara mu Canzo, Ubutumwa Bwavuzwe kw’igenekerezo rya 23 Ruheshi mu gitondo, mu gihe twumviriza Imfungurwa Zabitswe Zaronkejwe Umugeni.

Tuzotangurira Ubutumwa ku karongo ka 27.
MweneData Joseph Branham.
Icanditwe co gusoma imbere yo kwumviriza Ubutumwa :

Guharura 16 : 3-4