All posts by admin5

25-0427 Umwami Yanswe

Ubutumwa: 60-0515m Umwami Yanswe

Ibimenyeshejwe Ibimenyeshejwe ku bijanye n’ugusobanura mu zindi ndimi bikorerwa muri Branham Tabernacle

Bagenzi nkunda b’agaciro,

Bakunzi banje, bakundwa banje b’Ubutumwa Bwiza, bane banje navyaye kubw’Imana.

Mbega impera y’iyinga y’igitangaza twagiranye n’Umwami Wacu. Vyari nk’aho ata bindi bihe, kumarana umwanya gusa na We, tuMubwira, twumviriza Ijwi RyiWe, tuMusenga, tuMushimira, tuMubwira ingene tuMukunda.

Ese ukuntu ari iteka kuba muri iki gihe no kuba igice c’Ivyanditswe biriko birashika. Amajambo apfa yoshobora gute guserura ibiri mu mutima wacu vyose? Nk’uko umuvugishwa yabivuze, si jewe, hariho nyene Ikintu Kinaka kiri imbere cane, Kinsunika kandi Kibiragira muri jewe; iriba rya arutwaze rya Mpwemu Yera. Ni Umugeni Yitegurira Umukwe.

Ese ukuntu umugeni Agira umunezero imbere neza y’ubugeni bwiwe. Umutima wiwe utangura gutera ningoga cane uko amasegonda make ya nyuma agenda ararenga….arazi ko amaherezo igihe cashitse. “Nariteguye, araza kubwanje. Ubu tuzoba UMWE.”

Mu vy’ukuri turi mu bihe vya nyuma vy’iherezo ry’ibihe. Umugeni Azozamurwa vuba Ahamagarwe mu Mazimano yacu yo mu nkinga. Ariko Aratujana mu bibanza vyo hejuru bishasha. Nta kibazo kindi kiriho; nta kundi kwibaza; TURI UMUGENI.

Kandi ntavyo Arakora. Aracashaka guhezagira no kuremesha Umugeni WiWe Mukundwa Yahisemwo. Ese ukuntu Akunda kuMuremesha no kuMubwira ingene AMukunda. Ese ukuntu AMwishimira.

Arafise n’ukundi Guhishurirwa kudasanzwe cane Azomuha. Igihe hari amajwi menshi cane kw’isi yanka kuvuza amabande, Arashaka ubugira kandi kuremesha Umugeni ko bari mu Bugombe BwiWe butunganye no mu Nzira YiWe Yatanze.

Integuro yiWe yama yanswe. Umugeni WiWe yama Ahamwa. Abantu bama bashaka ivyiyumviro vyabo, ibintu uko babibona. Bashaka umurongozi atandukanye wo kubarongora. Ariko Imana Yarungitse umurongozi UMWE kurongora Umugeni WaYo, Yo ubwaYo, Mpwemu Yera, kandi Mpwemu Yera w’iki gihe, nko mu BINDI BIHE VYOSE, NI UMUVUGISHWA W’IMANA.

Bama bashaka ko abantu babarongora. Mu gihe ca Samweli, Imana Yavuze ko bariko barayanka mu kudashaka ko Samweli abarongora. Bisa n’ibitangaje mu gihe Samweli nawe yari umuntu, ariko itandukaniro ryari ko Samweli yari umuntu Imana Yahisemwo ngo abarongore. Ntiyari Samweli, Ni Imana Yakoresha Samweli. Yari IJWI HAMWE N’UMUNTU Imana Yabahisemwo KUBARONGORA, ariko bo bari bashaka ayandi majwi.

Sauli yari azi ko abantu batinya Samweli, ni co gituma yategerezwa gutangaza ati: “Sauli NA Samweli”. Yategerezwa gutera ubwoba abantu kugira ngo bamukurikire. Vy’ukuri, yari yarahamagawe. Vy’ukuri, yari yararobanujwe amavuta na Samweli ngo abe umwami wabo, ariko Imana YARI IGIFISE Inzira Yatanze, n’umuvugishwanu Yahisemwo kubarongora, mbere no kurongora Sauli. Imana Yavuganye n’umuvugishwa waYo, Ibwira Sauli ico ategerezwa gukora. Igihe Sauli yafata ingingo y’uko nawe yari yararobanujwe amavuta, kandi ko Atari agishaka kwumviriza umuvugishwa gusa, Imana Yaramwatse ubwami bwiwe.

Nuko rero bamaze gukora ivyo, igihe ukuneshwa gukomeye kwashika, Sauli yaciye abaga inka zibiri niniya, azirungikira abantu bose. Kandi nipfuza ko mubona hano, igihe Sauli yarungikira Isirayeli yose ibice vy’inka, kandi akavuga ati: «Umuntu wese atazokurikira Samweli na Sauli, ko uwo ahinduka nk’iyi nka.» Murabona ubwiganyi, ingene yagerageje kwerekana ko yagendana n’umuntu w’Imana? Ese ukuntu—ese ukuntu bitari ubuKristo! Ubwoba abantu bari bafise kwari kubera Samweli. Ariko Sauli yabatumye bose bamukurikira kuko abantu batinya Samweli. “Baze bakurikire Samweli na Sauli.”

Umunsi umwe Sauli ahagarika umutima cane. Ntiyashobora kuronka inyishu iva ku Mana. Ntiyashobora kuronka ihumure. Yashaka inyishu. Yari azi aho ategerezwa kuja kugira aronke inyishu yashaka; hari ahantu hamwe gusa, UMUVUGISHWA W’IMANA, SAMWELI. Yari yarapfuye, ariko yari akiri IJWI RY’IMANA, NO MURI PARADIZO.

Data Yashaka ko Umugeni WiWe amenya uwo Yahisemwo kurongora Umugeni WiWe muri iki igihe ca nyuma, ni co gituma yatwaye umumarayika wiWe w’inkomezi hirya y’igihuzu c’igihe kugira ngo asubire atubwire, aduhumurize, kandi aturemeshe ko turi mu Bugombe BwiWe Butunganye kandi Bwatanzwe.

Umviriza cane ivyo umuvugishwa ariko aravuga VYOSE.

Ubu, sinshaka ko ibi mubisubiramwo. Ibi ni ivy’ishengero ryanje, canke intama zanje mbereye umwungere.

Imbere y’uko atubwira ikintu cose, abanza gushaka ko tumenya ko ivyo ari IVYACU GUSA, ISHENGERO RYIWE, INTAMA ZIWE, IZO ABEREYE UMWUNGERE. Rero, nimba udashobora kuvuga ngo, “MweneData Branham ni umwungere WANJE,” narabivuze mbere, ariko gusa ntaco bimaze kubandanya usoma, ivyo si ivyawe, yongeyeko ko atagomvye ko mbere tubisubiriramwo umuntu n’umwe kiretse abizera kandi bakavuga bati, “MweneData Branham ni umwungere wanje”.

Aho nyene ni ho hari inyishu yacu ku kibazo tunegurwako cane kubera tuvuga ngo: “MweneData Branham ni umwungere wacu.” (Ivyo, ni abo bantu bavuza amabande.) Bavuga ukuri, ni we, natwe turi abiwe.

Ndagusavye ntunshavurire, ivyo sindiko ndabivuga kugira ngo nshavuze n’umwe, ivyo vyoba ari bibi, ariko ni ivyo Ariko Arabwira Umugeni. Sindiko ndashirako insobanuro yanje, arabivuga neza…Ijambo ry’Imana nta nsobanuro Rikeneye.

Hamwe noba nari muri uyu mubiri canke hanze yawo, canke iyoba ari ukujanwa, ntivyasa n’iyerekwa iryo ari ryo ryose nigeze kugira.

Rero atubwira ko ibi bitari bimeze nk’iyerekwa ryose yigeze kugira. Yagiye ahantu atari bwigere aja. Mbere ryari RIHAMBAYE kuruta iyerekwa ryose yigeze kubona. Ntiyariko ararota, yabonye umubiri wiwe ku buriri; YARI HARIYA.

Mugeni wa Yesu Kristo, ivyo vyinjire neza cane. Yari Umugeni wa Yesu Kristo wo hakurya, mu gihe c’ubu, Baje Biruka kuri we, Basemerera, Baramvura amaboko kandi Baramuhobera, bamubwira bati: «Yoo, mweneData w’agaciro!»

Yari hariya; yashobora kuvyumva; yashobora kubumva. Bariko bavugana nawe. Yarahagaze maze araraba, yari akiri muto. Yasubiye kuraba umubiri wiwe wa kera wari uryamye hariya amaboko yiwe ari ku mutwe wiwe.

Ubu twaremeje ko YARI HARIYA, kandi ko Yari Umugeni wa Yesu Kristo yariko arabona. None rero reka twumve ivyo ijwi rivuye hejuru ryariko riramubwira.

Kandi rero iryo Jwi Ryariko Riravugira hejuru yanje, Ryavuze riti: “Urazi, vyanditswe muri Bibiliya ko abavugishwa bari kumwe n’abantu babo.”

Imana Ntiyariko Irerekana no kuremesha umuvugishwa waYo gusa, ariko hari n’ibindi vyinshi vyari muri ivyo. Yari kugaruka maze akatubwira atari gusa aho turiko turaja honyene n’uko bizoba bimeze, ariko akanatubwira ko turi mu Bugombe BwiWe butunganye mu Gufyonda Tukavuza kandi ko uko ariko ushikira ahari Umugeni.

MweneData Branham yavuze ko yipfuza kubona Yesu bikomeye cane. Ariko bamubwiye bati:

“Ubu, Ari hejuru gatoya gusa, neza hejuru gutya.” Bavuze bati: “Umunsi umwe Azoza kuri wewe.”

Babandanije kumubwira UWO YARI WE.

“Warungitswe, kugira ngo ube umurongozi. Kandi Imana Izoza. Kandi ni Yaza, Izogucira urubanza bijanye n’uko wabigishije, nimba bazokwinjira canke batazokwinjira bizovana n’ivyo. Tuzokwinjira bijanye n’inyigisho zawe.”

Ni nde yarungitswe nk’umurongozi? Tugiye gucirwa urubanza bijanye n’ivyo nde yatwigishije? Tuzokwinjira mw’Ijuru bijanye n’inyigisho ya nde?

Umwe ashobora kuvuga ngo, nigisha abantu banje ivyo nyene MweneData Branham yavuze…amen, nivyo mukwiye kandi nizera ko bamwe babikora, ariko ntimubigire “MweneData Branham na jewe.”

Tubandanye dusoma mu gihe Ashaka KUMENYA NEZA ko dutahura neza cane.

Kandi abo bantu barasemerera, kandi bavuga bati: “Ivyo turabizi. Kandi turazi ko tuzojana nawe, umunsi umwe, dusubire kw’isi.” Bavuze bati: “Yesu Azogaruka, kandi uzocirwa urubanza bijanye n’Ijambo watwigishije.

Tuzocirwa urubanza n’Ijambo YATWIGISHIJE. Gutyo, urubanza ruva ku vyo Ijwi ry’Imana Ryavuze ku mabande. Ni gute umuntu avuga Ijwi riri ku mabande atari IJWI RIHAMBAYE KURUTA AYANDI ushobora kwumviriza?

“Kandi rero niwemerwa muri ico gihe, ivyo uzoba,”

Mbega muriteguye. Ivyo bizohadikiriza ku biri Ubugombe butunganye b’Umwami kubw’Umugeni wa Yesu Kristo. Umugeni Ariko Arabwira umuvugishwa ivyo AZOKORA. Nta wundi. Si umugwi. Si uwundi mwungere, umuvugishwa w’Imana, WILLIAM MARRION BRANHAM.

“hanyuma niho uzoMudushikiriza, nk’ikamba y’igikorwa c’Imana cawe.”

Ni nde agiye kudushikiriza Umwami Yesu?
Iminsi yo kwumviriza umuvugishwa gusa yaraheze?
MweneData Branham ntiyigeze avuga ngo bavuze amabande?

Umugeni Ariko Arasemerera ati niwaba ushaka kuba Umugeni vyokubera vyiza Gufyonda Ukavuza.

None n’ubu ntimuvyemera? Ego cane, hariho n’ibindi.

Yavuze ati: “Uzoturongora atujana iWe, kandi, twese hamwe, tuzosubira kw’isi, kugira ngo tuyibeho ibihe bidashira.”

Ni nde ategerezwa kuturongora tuja iWe? Ni nde ariko ararongora Umugeni? Umugeni Ariko Aramubwira Ko AZOJANA UMUGENI KURI WE, hanyuma tuzosubira kw’isi tubeho ibihe bidashira.

Nimba hariho Uguhishurirwa UKO ARI KWO KWOSE muri wewe na gutoya. Namba wemanga ko wizera Ubu Butumwa, ndasenga ngo Imana Iguhishurire ko UTEGEREZWA gushiramwo Ijwi RyaYo, ama bande, MU KIBANZA CA MBERE.

Bungere, musubize umuvugishwa kuri alutari zanyu. Amabande ni Ijwi Rihambaye kuruta ayandi utegerezwa kwumviriza mu gihe mugiye gucirwa urubanza n’IRYO JWI.

Bijanye n’Ijambo, turi mu Bugombe BwiWe butunganye kandi Bwatanzwe mu gihe cacu mu kwumviriza Ijwi ry’Imana ku mabande.

Nimba Imana Yaruguruye amaso yawe ku Guhishurirwa kw’ukuri kw’Ijambo RyaYo, ndagutumiye ngo wifatanye natwe ku munsi w’iyinga isaha zitandatu ku mutaga kw’isaha ya Jeffersonville (isaha icumi na zibiri ku mugoroba mu Burundi), mu gihe tuzokwumviriza 60-0515M Umwami Yanswe.

MweneData Joseph Branham.

25-0419 Ibibazo N Inyishu Ku Dushashara

Ubutumwa: 63-0324m Ibibazo N Inyishu Ku Dushashara

Ibimenyeshejwe Ibimenyeshejwe ku bijanye n’ugusobanura mu zindi ndimi bikorerwa muri Branham Tabernacle

25-0418 Agashashara ka Gatandatu

Ubutumwa: 63-0323 Agashashara ka Gatandatu

Ibimenyeshejwe Ibimenyeshejwe ku bijanye n’ugusobanura mu zindi ndimi bikorerwa muri Branham Tabernacle

Pasika 2025 – Igikorane Kidasanzwe C’Isangira Ryera Hamwe N’Ukwozanya Ibirenge

Ubutumwa: 62-0204 Ingaburo yera

Kuvoma Ubutumwa

Ibimenyeshejwe Ibimenyeshejwe ku bijanye n’ugusobanura mu zindi ndimi bikorerwa muri Branham Tabernacle

Mukunzi Mugeni wa Kristo,

Mbega igihe c’ubwiza Umugeni azoba afise muri iyi mpera y’iyinga ya Pasika. Nizera ko bizoba bimwe mu bintu bihambaye vy’ubuzima bwacu; igihe tutazokwigera twibagira na rimwe. Impera y’iyinga y’intibagirana.

Pasika yose cabaye igihe kidasanzwe ku Mugeni, mu gihe twugara inzugi zacu kw’isi yo hanze mu kuzimya ibikoresho vyacu vyose n’ibisamaza vyo mw’isi, maze tugasubira gusa kuMushikanira ubuzima bwacu. Ni impera y’iyinga yose tuMushikaniye mu gusenga, mu gihe tuvugana na We ku munsi ku munsi, hanyuma rero tukumva Ijambo RyiWe.

Umwansi aradusamaza mu buzima bwacu kandi atuma dutwarwa n’ibintu vyinshi vy’ubuzima gushika aho vyacitse ibigoye cane kwiyugarana kure y’isi no kuvugana na We. Mbere n’ibikoresho nyene dukoresha kugira twumvirize Ijambo, Satani arabikoresha kugira ngo aduteshe umwanya wacu.

Ariko iyi mpera y’iyinga izoba itandukanye, kandi idasa n’iyindi n’imwe mpera y’iyinga ya Pasika twigeze tugira.

Igihe Umwami Yashira ku mutima wanje kwumviriza Udushashara, nta ciyumviro nari mfise c’ingene ivyo vyari kugwa ku kirangaminsi. Ariko nk’uko vyama, igihe ciWe kiratunganye. Haciye iminsi ibiri y’iyinga twaratewe iteka ryo kwumviriza Agashashara ka 4, Igihe c’Inkukuma, kw’igenekerezo rya 6 ukwezi kwa kane, umunsi w’amavuko y’umuvugishwa; ese ukuntu vyari bibereye.

Ariko ubu, Umwami Aratubikiye n’ibindi vyinshi. Nk’uko nabivuze, igihe numva Umwami Ashize ku mutima wanje kuvuza Udushashara, naramenye ko vyofata amayinga menshi yo guheza kuzivuza mu gihe hari Ubutumwa 10 muri urwo rukurikirane.

Uko naraba ku kirangaminsi, nabonye ko Pasika yaguye imbere y’uko duheza kwumviriza urukurikirane rwose. Naciye nibwira muri jewe nti, ndakeka ko dutegerezwa guhagarika kwumviriza Udushashara kandi ko Azompa Ubutumwa bwa Pasika.

Mu kanya gatoya nabonye…bizoba BITUNGANYE. Turashobora kubandanya tuvuza Udushashara kandi Agashashara k’Indwi kazovuzwa ku munsi w’iyinga wa Pasika mu gitondo. Sinashobora kuvyemera, vyari bihuye neza n’urutonde. Namenye ico gihe nyene nti, UYU NI WEWE MWAMI.

Naranezerewe cane kandi ndindiranye igishika cinshi cane igihe cacu ca Pasika turi kumwe twese, kandi turi kumwe na We. Namenye ko Ari We Yaduteguriye urutonde.

Gutyo, Umwami ni Yabishaka, tuzobandanya kwumviriza Udushashara mu mpera y’iyinga yacu idasanzwe cane ya Pasika.

KU WA KANE

Hari ku munsi wa kane mw’ijoro aho Umwami Yesu Yafata Ingaburo ya nyuma Ari kumwe n’abigishwa biwe, mu kwibuka Pasika y’imbere y’ukuvayo kw’abana ba Isirayeli. Mbega akaryo dufise ko gusangira n’Umwami mu mihana yacu, imbere y’impera y’iyinga yacu yera, tukamusaba ngo Aduharire ivyaha vyacu, kandi Aduhe ivyo dukeneye vyose mu rugendo rwacu.

Ubikore, Mwami. Ukize abarwaye. Wirure abarushe. Uhe umunezero impahazwa. Uhe amahoro abarushe, Uhe imfungurwa abashonje, Uhe ivyo kunywa abanyotewe, Uhe umunezero abababaye, Uhe ishengero ubushobozi. Mwami, Uzane Yesu hagati yacu muri iri joro, mu gihe turiko turitegurira gufata Isangira Ryera Rigereranya umubiri wiWe wajanjaguritse. Turasenga, Mwami, ngo Atugendere mu buryo budasanzwe…

Hezagira abandi, Mwami, kw’isi yose, barindiranye umunezero ukuza kw’Umwami, amatara atunganijwe, n’ibiyo bicamwo imyotsi yose bisukuye, n’Umuco w’Ubutumwa Bwiza Ukayanganira ahantu h’umwijima.

Twese dutangure isaha icumi na zibiri zo ku mugoroba kw’isaha y’aho tuba kugira ngo twumvirize Isangira Ryera 62-0204, hanyuma umuvugishwa azotujana mu Gikorwa cacu kidasanzwe c’Isangira Ryera n’Ukwozanya Ibirenge, kizoba kiriko kiravuga ku rubuga rwa Lifeline (mu congereza), canke mushobora kuvoma igikorane mu congereza canke mu zindi ndimi mu gufyonda ku kiraro kiri munsi.

Ikizokurikira Ubutumwa, tuzokoranira hamwe n’imiryango yacu mu mihana yacu maze dufate Ingaburo y’Umwami.

KU WA GATANU

Reka dusenge n’imiryango yacu isaha zitatu mu gitondo (isaha icenda ku mutaga kw’isaha yo mu Burundi), hanyuma rero dusubire isaha zitandatu ku mutaga (isaha cumi na zibiri ku mugoroba kw’isaha yo mu Burundi), dutumire Umwami ngo Abane natwe, Yuzuze inzu zacu Mpwemu Yera mu gihe twishikana ubwacu kuri We.

Ese ubwenge bwacu bwosubira kuri urya munsi i Kaluvariyo, ubu hakaba haciye nk’imyaka 2000, kandi tukabona Umukiza wacu Amanitse ku musaraba, hanyuma rero tukiyemeza gutyo nyene kwama dukora ibihimbara Data :

Kandi namba uyu munsi ari uwuhambaye cane, umwe mu minsi ikomeye, reka turabe mu mice itatu itandukanye ico uwo munsi usigura kuri twebwe. Twoshobora gufata ijana. Ariko, muri iki gitondo, natoye gusa ibintu bitatu bitandukanye, bihambaye cane dushaka kuraba, mu bihe bike bikurikira, ivyo Kaluvariyo Yasigura kuri twebwe. Kandi ndasenga ko bicira urubanza umunyavyaha wese ari ng’aha; bigatuma uwera wese aja ku mavi yiwe; ivyo biratuma umuntu wese arwaye ashira ukwizera kwiwe ku Mana, maze agende, akize; umunyavyaha wese, akizwa; uwasubiye inyuma wese agaruka, kandi amaramazwa ubwiwe n’uko ari ; kandi uwera wese, anezerwa, kandi agira umwete mushasha n’ivyizigiro bishasha.

Hanyuma isaha zitandatu n’igice ku mutaga (isaha cumi na zibiri n’igice ku mugoroba kw’isaha yo mu Burundi), twifatanye mu ngo zacu kugira ngo twumvirize: 63-0323 Agashashara ka Gatandatu.

Hanyuma dufatanirize hamwe gusenga buno nyene inyuma y’igikorane, mu kwibuka ukubambwa kw’Umwami Wacu.

KU WA GATANDATU

Dusubire twifatanye twese mu masengesho isaha zitatu mu gitondo (isaha icenda ku mutaga kw’isaha yo mu Burundi) hamwe n’isaha zitandatu ku mutaga (isaha cumi na zibiri ku mugoroba kw’isaha yo mu Burundi), maze dutegure imitima yacu ku bintu bihambaye Azodukorera hagati yacu.

Ndashobora kuMwumva Avuga Ati: “Satani, ngwino hano !” Ni We Mutegetsi ubu. Arashika, Akura urwo rufunguzo rw’urupfu na kuzimu ku mafyinga yiwe, Arushira ku mafyinga yiWe Bwite. “Ndashaka kukumenyesha. Wabaye umuhumvyi igihe kirekire bikwiye. Ndi Umwana w’Imana Nzima Yavutse ku nkumi. Amaraso yaNje Aracatose ku musaraba, kandi umwenda wose wararishwe! Nta burenganzira ugifise. Urambuwe. Mpereza izo mfunguzo ! »

Hanyuma isaha zitandatu n’igice (isaha cumi na zibiri n’igice ku mugoroba kw’isaha yo mu Burundi), tuzoja hamwe twese kugira twumvirize IJAMBO : 63-0324M Ibibazo n’Inyishu ku Dushashara.

Mbega UMUNSI W’INTIBAGIRANA ugiye kuba ku Mugeni WiWe kw’isi yose.

Hanyuma dusubire dukoranire hamwe mu masengesho buno nyene inyuma y’igikorane.

K’UW’IYINGA

Tubanze ubwambere tuvyuke kare nk’uko mweneData Branham yabigize mu gitondo aho akagenzi kiwe gatoya, inyoni bita rouge gorge, kamuvyura isaha icumi n’imwe zo mu gitondo. Dushimire Uhoraho ko Yazuye Yesu mu bapfuye :
Isaha icumi n’imwe iki gitondo, akagenzi kanje gatoya gafise igikiriza gitukura kagurukiye kw’idirisha maze karamvyura. Vyasa n’aho umutima wako mutoya woturitse, kavuga kati, « Yazutse. »

Kw’isaha zitatu zo mu gitondo (isaha icenda ku mutaga kw’isaha yo mu Burundi) hamwe n’isaha zitandatu ku mutaga (isaha cumi na zibiri ku mugoroba kw’isaha yo mu Burundi), reka twongere twifatanye mu ruhererekane rw’amasengesho yacu, dusengeranire kandi twitegurire kwumva Ijwi ry’Imana.

Kw’isaha zitandatu n’igice ku mutaga (isaha cumi na zibiri n’igice ku mugoroba kw’isaha yo mu Burundi), tuzohurira hamwe kugira ngo twumvirize Ubutumwa bwacu bwa Pasika: 63-0324e Agashashara k’Indwi.

Kw’isaha y’icenda ku muhingamo (isaha zitatu zo mw’ijoro kw’isaha yo mu Burundi), reka dusubire twifatanye mu gusenga, tuMushimire IMPERA Y’IYINGA NZIZA YADUHAYE TURI KUMWE NAWE HAMWE N’UMUGENI WIWE KW’ISI YOSE.

Kuri beneData na bashikibacu bo mu mahanga, nk’umwaka uheze, ndipfuza kubatumira ngo mwifatanye natwe kw’isaha ya Jeffersonville, mu bihe vyose vy’amasengesho biri kuri uru rutonde. Ariko rero, ndabona ko kuvuza amabande ku wa kane, ku wa gatanu no ku wa gatandatu ku muhingamo kw’isaha ya Jeffersonville vyoba bigoye cane kuri benshi muri mwebwe, rero ndabasavye mwumve umwidegemvyo wo kuvuza ubwo Butumwa ku gihe kiborohereye. Ariko rero, noshima ko twese twifatanya ku munsi w’iyinga isaha zitandatu ku mutaga, isaha ya Jeffersonville, (isaha cumi na zibiri ku mugoroba mu Burundi) kugira ngo twumvirize hamwe Ubutumwa bwacu bwo ku munsi w’iyinga.

Ndipfuza kandi kubatumira mwebwe n’abana banyu ngo mube mu migambi ya Creations, mu kwandika mu kinyamakuru, no mu bibazo vya YF, ivyo umuryango wanyu wose ushobora kuryoherererwa hamwe. Twibaza ko muzobikunda mu gihe vyose bishingiye kw’IJAMBO tuzoba turiko twumviriza muri iyi mpera y’iyinga.

Ku bijanye n’urutonde rw’impera y’iyinga, amakuru yerekeye ugutegura igikorane c’Isangira Ryera, ibikoresho bizokenerwa mu migambi ya Creations, Ibibazo vya Pasika, n’ayandi makuru, murabe ibiraro biri aha hepfo.

Reka tuzimye amatelefone yacu mu mpera z’iyinga ya Pasika kiretse gufata amafoto, kwumviriza Umutsima wa Buri Munsi, no kuvuza amabande ari ku rubuga rwa The Table, urubuga rwa Lifeline, canke ikiraro gishobora kuvomwako.

Ni iteka rininiya kuri jewe kubatumira mwebwe n’umuryango wanyu ngo mukoranire hamwe n’Umugeni kw’isi yose mu mpera y’iyinga yuzuye UGUSENGA, UGUTAZIRA NO GUKIRA INDWARA. Nizera ko vy’ukuri ari impera y’iyinga izohindura ubuzima bwawe ibihe bidashira.

MweneData Joseph Branham

25-0413 Agashashara ka Gatanu

Ubutumwa: 63-0322 Agashashara ka Gatanu

Ibimenyeshejwe Ibimenyeshejwe ku bijanye n’ugusobanura mu zindi ndimi bikorerwa muri Branham Tabernacle

Bakunzi Baruhutse,

Turi ng’aha. Twarashitse. Ukugaragara kw’Ijambo kwaremeje ko Uguhishurirwa kwacu kw’Ubu Butumwa kuva ku Mana. Turi mu BUGOMBE BWAYO BUTUNGANYE mu kugumana n’Ijwi ry’Imana ku mabande.

Ni gute ari ngira kamaro Gufyonda Tukavuza? Amajambo twumva ku mabande arahambaye cane, ni ayera cane, ku buryo Imana ubwaYo Itashobora kuyazeza n’Umumarayika…mbere n’umwe mu Bamarayika baYo bo mw’Ijuru. Vyategerezwa guhishurirwa no kuzanirwa Umugeni WaYo n’umuvugishwa waYo, kuko uwo ni we Ijambo ry’Imana Rizako, umuvugishwa waYo, WENYENE.

Imana Yamenaguye Udushashara, Iduhereza intumwa mumarayika w’indwi waYo wo kw’isi, kandi Imuhishurira Igitabu cose c’Ivyahishuriwe Yohana. Hanyuma, Imana Iravuga biciye ku mumarayika waYo wo kw’isi kandi Ihishurira VYOSE Umugeni WaYo.

Utuntu dutoduto twose twaravuzwe kandi turaduhishurirwa. Imana Yaratwitaho cane ku buryo Itatubwiye gusa ivyabaye ng’aha kw’isi kuva mu ntango z’ibihe, ariko Yaravuze biciye ku mumarayika waYo, maze Itubwira ibiriko biraba ubu nyene ahantu hameze nka paradizo.

Ntiyashaka ko twiganyira, canke ngo ntitumenye neza ico kazoza kadufitiye nitwava muri rino hema ryo kw’isi. Rero, Imana ubwaYo Yatwaye umumarayika waYo w’indwi w’inkomezi hirya y’igihuzu c’igihe, kugira ngo ashobore kuBibona, kuVyumva, mbere no kuvugana n’abari Hariya. Ntiryari iyerekwa, yari HARIYA.

Imana Yamujanye hariya kugira ngo agaruke atubwire ati: “Nari hariya, naraBibonye. Biriko biraba UBU NYENE.. Ba mama, ba data, benewacu, bashiki bacu, abahungu bacu, abakobwa bacu, abagore bacu, abagabo bacu, ba sogokuru na ba nyogokuru, Mose, Eliya, ABERA BOSE bagiye bari hariya mu Myambaro Yera, bariko bararuhuka kandi barindiriye TWEBWE”.

Ntituzosubira kurira, kuko Hazoba umunezero gusa. Ntituzosubira kubabara, kuko Hazoba uguhimbarwa gusa. Ntituzokwigera dupfa, kuko Hazoba hari ubuzima gusa. Ntidushobora gusaza, kuko twese tuzoba imiyabaga ibihe bidashira.

Ni ugutungana…ku gutungana…no kugutungana, kandi turiko turaja hariya!! Kandi nka Mose, nta n’ikinono tuzosiga, TWESE TURAGIYE…UMURYANGO WACU WOSE.

None GUKUNDA uwo mumarayika w’indwi w’inkomezi ni ngirakamaro gute?

Kandi Rirasemerera, riti: «Abo wakunze bose…» impera y’igikorwa canje. Nta mpera nkeneye. Yavuze ati: «Abo wakunze bose, n’abagukunze bose, Imana Yarabaguhaye.»

Ndabasavye dusubire tubisome : Yavuze iki?….Imana Yara*Ba*guhaye!!

Kandi tuzokwifatanya na bo maze dusemerere tuti, “Turiko tuBiruhukirako”.

None aho tuzoja h’ibihe bidashira haruhukiye ku ki? IJAMBO RYOSE RYAVUZWE KU MABANDE. Ndakengurukira cane Umwami ko Yaduhaye Uguhishurirwa kw’Ukuri ko Gufyonda Tukavuza ari co kintu GIHAMBAYE CANE KURUTA IBINDI Umugeni Ategerezwa gukora.

Woba wipfuza kuruhukana natwe? Ngwino wifatanye natwe kuri uwu w’iyinga isaha zitandatu ku mutaga, kw’isaha ya Jeffersonville (isaha icumi na zibiri ku mugoroba mu Burundi), mu gihe tuzokwumva vyose ku bijanye n’ico kazoza kadufitiye, aho turiko turaja, n’ingene twoshikayo, mu gihe tuzokwumviriza Ijwi Ry’Imana Rivuga kandi Ryugurura: 63-0322 Agashashara ka Gatanu.

MweneData Joseph Branham

Ivyanditswe vyo gusoma imbere yo kwumviriza Ubutumwa:

Daniyeli 9:20-27.
Ivyakozwe n’Intumwa 15:13-14.
Abaroma 11:25-26
Ivyahishuriwe Yohana 6:9-11/11:7-8/22:8-9.

25-0406 Agashashara ka Kane

Ubutumwa: 63-0321 Agashashara ka Kane

Ibimenyeshejwe Ibimenyeshejwe ku bijanye n’ugusobanura mu zindi ndimi bikorerwa muri Branham Tabernacle

Bakunzi Abera Bavyawe n’Ijuru,

Data Ariko Aradukoraniriza hamwe n’Ijambo RyiWe, kandi ukugaragara kw’uko Guhishurirwa kuduha ugukaburwa. Yaradutoye imbere y’uko isi iremwa, kuko Yamenye ko tuzoba abizigirwa kw’Ijambo RyiWe biciye ku guhitamwo kwacu.

Reka ndabisubiremwo kugira ngo vyinjire neza ibwina. Yaravye mu gihe cose, gushika mu gihe nyene c’iherezo ry’ibihe vyose, kandi YARATUBONYE…ivyo mwoba muravyumva? YARABABONYE, YARAMBONYE, kandi Yaradukunze, kubera mu kwihitiramwo kwacu, twari KUGUMANA N’IJAMBO RYIWE.

Ico gihe nyene, Ategerezwa kuba Yakoranirije hamwe abamarayika biwe bose n’abakerubi biwe bose maze Aratwerekana kandi Avuga Ati : “NI URIYA, » « ABO NI UMUGENI WANJE, » « ABO NI BO NARI NDINDIRIYE !”

Nka Yohana, iyo ni yo mpamvu turiko turagira uru rwamo rwose kandi dusemerera, kandi dushima Umwami, turakaburwa kuri Vino Nshasha kandi turazi, BIDASUBIRWAKO, ko TURI Umugeni WiWe.

Ni nk’imvura yose n’ibihuhusi vy’imituragaro twagize hano muri Jeffersonville muri iyi mpera y’iyinga…Natwe turiko turarungika IMBURI kw’isi.

Umugeni ariko Aragira IGIHUHUSI C’UMUTURAGARO W’UGUHISHURIRWA KANDI BIRIKO BIRAZANA URUMURI RW’UMUVO W’UGUSHISHURIRWA. UMUGENI YARITEGUYE KANDI BARAZI ABO BARI BO. MUJE AHANTU H’UMUTEKANO UBU NYENE. MUFYONDE MUVUZE CANKE MUHONE.
Ntituri mu Gihe c’intambwe, canke Igihe c’Inyana, canke Igihe c’Umuntu; tubayeho mu GIHE C’INKUKUMA, kandi Imana Yaraturungikiye inkukuma y’inkomezi, Malaki 4, guhamagarira gusohoka no kurongora Umugeni WaYo.

Ese ukuntu bizoba bibereye kuri uyu w’iyinga, mu gihe tuzoba twahuriye hamwe twumviriza Agashashara Ka Kane. Uzoba ari umusi uhambaye umuhanuzi nkukuma y’Imana yavukiyeko.

Nimuze duhimbaze uyu munsi w’igitangaza twongere dushimire Umwami ko Yaturungikiye intumwa nkukuma yiWe, uwo Yatumye kuduhamagarira gusohoka no guhishura Ijambo RyiWe.

MweneData Joseph Branham

Ubutumwa : 63-0321 Agashashara Ka Kane
Igihe: isaha zitandatu ku mutaga kw’isaha ya Jeffersonville (isaha icumi na zibiri ku mugoroba mu Burundi).

Ivyanditswe vyo gusoma mu kwitegura.

Uwera Matayo 4
Uwera Luka 24:49
Uwera Yohana 6:63 .
Ivyakozwe n’Intumwa 2:38 .
Ivyahishuriwe Yohana 2:18-23, 6:7-8, 10:1-7, 12:13, 13:1-14, 16:12-16, 19:15-17
Itanguriro 1:1.
Zaburi 16:8-11 .
II Samweli 6:14
Yeremiya igice ca 32
Yoweli 2:28
Amosi 3:7
Malachi 4

25-0330 Agashashara ka Gatatu

Ubutumwa: 63-0320 Agashashara ka Gatatu

Ibimenyeshejwe Ibimenyeshejwe ku bijanye n’ugusobanura mu zindi ndimi bikorerwa muri Branham Tabernacle

Mukunzi Eva wa Mpwemu,
Reka ntangure ikete ryanje uno musi n’igisasu kirimbuzi c’Imana; si inkoho yo mu bwoko bwa 22, ni IGISASU KIRIMBUZI c’Umugeni wa Yesu Kristo.

Rero, namba ushaka kuvyandika; n’ukuri, mwese murabizi: Yesu, Yohana 14:12; na Yoweli, Yoweli 2:38; Paulo, 2 Timoteyo 3; Malaki, igice ca 4; na Yohana uwuhishura, Ivyahishuriwe Yohana 10:17, 1-17. Murabona, neza na neza ivyobaye ubu!

Itangazo n’imburi: Iryo jambo rikurikira ntabwo ari iryawe namba wizera.

“Dushira vyinshi cane ku muvugishwa w’Imana.” “Ntushobora kuba Umugeni namba wumviriza umuvugishwa gusa.” “Kuvuza amabande mw’ishengero ni bibi.” “Itara ryarazimye; ikintu gihambaye kuruta ibindi vyose uno munsi ni ukwumviriza igikorwa c’Imana.” “Gufyonda ukavuza bose mu mwanya umwe ni idini.”

Kandi kw’ishengero, Ni iki? Ijambo Ryahindutse umuntu Ryihaye umubiri mu bantu baYo ubugira kandi ! Murabona?

KABOOM…Rero mu gufyonda tukavuza, turashobora kwumviriza Ijambo Ryahindutse umuntu Ryihaye umubiri, Ritubwira umunwa ku gutwi uko Ihishura Ijambo RyaYo.

None umuntu yovuga ngo Si IJWI RIHAMBAYE CANE WOSHOBORA KUMVIRIZA? Iki gice c’ibivugwa ni icawe.

Kandi ntibavyizera gusa.

Uko Umwami Aduha Uguhishurirwa Ijambo RyiWe, n’abo turi bo, ni ko umuntu wese ari hanze y’uko Guhishura arushiriza kuba kure.

Reka mvuge ivyo, vy’ukuri, rero muzo…birinjira cane. Nshaka ko mutahura ibi. Iyo ni yo ngorane namwe uno munsi, murabona, ntimuzi Ijambo! Murabona?

Imana Yasize abantu kugira ngo bavuge Ubu Butumwa, ariko hariho Icishimikizo Ntanyiganyizwa kimwe conyene : Ijambo. Iyo wumvise umukozi w’Imana, canke uwo ari we wese avuga, utegerezwa kugira ukwizera kugira ngo wizere ko ivyo ariko aravuga ari NEZA NA NEZA ivyo umuvugishwa w’Imana yamaze kuvuga. Ijambo ryabo, uguhishurirwa kwabo, insobanuro yabo birashobora kwihenda; Ijwi ry’Imana Riri ku mabande NTIRISHOBORA NA RIMWE KWIHENDA.

Vuga ivy’Imana mu kwicisha bugufi mu gufyonda ukavuza…Arabivuga UBUGIRA KANDI.

BaraMuhusha, Ijambo Rizima Ryagaragajwe mu mubiri, n’Ijambo Ryasezeranywe. Ijambo Ryasezeranye gukora ibi bintu. Isezerano Ryaratanzwe, ko bizoba nk’ibi mu misi ya nyuma.

Mwumvirize Umuturagaro WiWe. Umuturagaro ni Ijwi ry’Imana. William Marrion Branham ni Ijwi ry’Imana kubwa kino gihe.

U—Umugeni n’ubu Ntaragira umuvyuro. Murabona? Nta muvyuro wabaye hariya, nta kugaragazwa kw’Imana kugira ngo gukangure Umugeni. Murabona? Turiko turawurondera ubu. Bizosaba ko iyo Mituragaro indwi itazwi igaruka hariya, kugira ngo isubire iMukangure, murabona. Ego. Azoyirungika. Yarabisezeranye. Rero mwitegereze.

Ushobora kuyiyoberanya ubishatse, ariko Imituragaro Indwi Izoha Umugeni ugukaburwa biciye mu Guhishurirwa n’ukwizera kw’izamurwa, kuzanana gusa na Mpwemu Yera avuga biciye mu muvugishwa w’Imana. Biriko biraba UBU NYENE kw’isi yose. Imana Yakabuye Umugeni WaYo Ikoresheje Ijambo RyaYo.

Si ivyo gusa, ahubwo Yaramaze kubwira umwansi wacu ico gukora.

Uraguma kure yabo. Barazi iyo bariko baraja, kuko basizwe Amavuta YaNje. Kandi mu gusigwa Amavuta YaNje, barafise umunezero w’umusesekara, kuko bazi Ijambo RyaNje ry’isezerano, ‘Nzosubira kubazura.’ Ntubagirire nabi! Ntugende kugerageza kubadurumbanya.

Yabwiye umwansi wacu ngo adukureko ibiganza vyiwe bibi. Ariko indwara iracashobora kudutera? Ego. None turacafise ingorane? Ego. Ariko kandi Yaratubwiye ico dukora.

Birimbitse. Ubisome buhoro buhoro kandi usubiremwo.

Imbere y’Ijambo, ni iciyumviro. Kandi iciyumviro gitegerezwa kuremwa. Ni vyiza. Rero, ivyiyumviro vy’Imana bihinduka ukuremwa igihe vyavuzwe, n’Akanwa. Aho ni ho Ibishikiriza ku—kuri wewe nk’iciyumviro, iciyumviro caYo, kandi kikaguhishurirwa. Rero kiracari iciyumviro gushika ukivuze.

Ivyiyumviro vyiwe vyacitse ukuremwa igihe vyavugwa. Rero, ivyiyumviro vyiwe vyaradushikirijwe kandi vyaraduhishuriwe nk’Ijambo. Ubu kiracari iciyumviro kiri kumwe natwe gushika tukivuze. RERO TURAKIVUGA… KANDI TURACIZERA.

Ndi Urubuto Cami rwa Aburahamu. Ndi Umugeni wa Kristo. Narahiswemwo kandi naratoranijwe imbere y’ukuremwa kw’isi ngo mbe Umugeni WiWe, kandi nta na kimwe gishobora kubihindura. Isezerano ryose riri muri Bibiliya ni iryanje. Ni Ijambo RyiWe kuri jewe. Ndi umuragwa w’iryo Sezerano nyene. Ni Uhoraho Imana Akiza indwara zanje zose. Ivyo nkeneye vyose ni ivyanje, Imana Ni ko Yabivuze.

Imana mu kwicisha bugufi : Ukwizera kuva ku kwumva, kwumva Ijambo. Ijambo Riza ku muvugishwa.

Umuntu wese ashaka gukoresha “AMAJAMBO Y’UMUVUGISHWA” kugira ngo yemeze amajambo yiwe, ivyiyumviro vyiwe, ubutumwa bwiwe. Kandi baravuga ukuri, nanje ndavuga ukuri, nico gituma ivyo ndabaha vyose ari amajambo yavuzwe n’umuvugishwa yo kubabwira: Gumane na mabande. Mwumvirize iryo Jwi. Iryo Jwi Ni Ijwi ry’Imana. Mutegerezwa kwizera Ijambo ryose Riri ku mabande, atari ivyo uwundi muntu wese avuga. Iryo Jwi NI IJWI RIHAMBAYE CANE UTEGEREZWA KUMVIRIZA.

Abandi bakoresha amajambo yavuzwe n’umuvugishwa kugira ngo babazane ku gikorwa c’Imana cabo, mw’ishengero ryabo, mu nsobanuro yabo, mu guhishurirwa kwabo. “Gumana n’umwungere wawe.” (Ego, ivyo navyo ndabikunda, kuko turabikora, ni umwungere atandukanye gusa.) “Si we wenyene ahambaye.” “Ntiyigeze avuga ngo bavuze ama bande mw’ishengero.”

Ntushireko insobanuro iyo ari yo yose yihariye. Ashaka Ijambo Ritagira agatosi, Ritavanze, nta n’ivyo kuyuba. Sinoshaka ko umugore wanje ayuba n’uwundi mugabo. Kandi iyo uja kwumviriza ubwoko bwose bw’ivyiyumviro, birenze Ivyo, uba uriko urumviriza, uba uriko urayuba na Satani. Amen! None ntibituma wumva ko uri uwa mpwemu ? Imana Ishaka ko uguma utavanze. Gumana aho nyene n’iryo Jambo. Gumana neza na Ryo. Neza.

Jewe hamwe n’inzu yanje, tuzofyonda tuvuze maze dukurikire Ijambo ry’Imana Ryihinduye umuntu Rivuga biciye ku ntumwa mumarayika waYo w’indwi. Ntituzokwongerako insobanuro yacu yihariye; ntituzoyuba canke ngo twumvirize imvo n’imvano iyo ari yo yose. TUZOGUMANA N’IRI JAMBO NK’UKO RYAVUZWE KU MABANDE. Ni Imana mu kwicisha bugufi.

Mbega igihe c’ubwiza tuzoba dufise kuri uyu w’iyinga isaha zitandatu ku mutaga, kw’isaha ya Jeffersonville, (isaha icumi na zibiri ku mugoroba mu Burundi) mu gihe tuzokwumviriza: 63-0320 Agashashara Ka Gatatu. Ndipfuza kubatumira kwifatanya natwe mu gihe tuzoba twunze ubumwe kw’Ijambo rya kino gihe.

MweneData Joseph Branham.

Ivyanditswe vyo gusoma imbere yo kwumviriza Ubutumwa :
Uwera Matayo 25 :3-4
Uwera Yohana 1 :1, 1 :14, 14 :12, 17 :17
Ivyakozwe n’Intumwa Igice ca 2
1 Timoteyo 3 :16
Abaheburayo 4:12, 13:8
1 Yohana 5:7
Abalewi : 8:12
Yeremiya : Igice ca 32
Yoweli 2:28
Zekariya 4:12

Reka mfate aka karyo kugira ngo nongere ndabitomore neza. Sindwanya igikorwa c’Imana kirimwo bitanu. Nizera igikorwa c’Imana kirimwo bitanu. Sinumva ko ari bibi kwumviriza umukozi w’Imana. Nizera ko ukwiye kwumviriza umwungere wawe aho Imana yagushize. Iciyumviro canje ni iki, nizera ko Imana Yarungitse umuvugishwa mu gihe cacu. Imana Yahishuriye umuvugishwa waYo Ijambo RyaYo. Nshobora kwihenda, umwungere wawe arashobora kwihenda, ariko DUTEGEREZWA kwemeranya (nitwavuga ko twizera KO UBU BUTUMWA ari ukuri kandi MweneData Branham ari umuvugishwa w’Imana) ibivugwa ku mabande ni Uko Niko Uhoraho Agize. Nimba ivyo utavyizera, rero ntiwizera ubu Butumwa. Gutyo, nizera ko Ari IJWI RIHAMBAYE CANE MUTEGEREZWA KUMVIRIZA. Ntimutegerezwa kunyumviriza, ntimutegerezwa kwumviriza uwundi wese, ariko MUTEGEREZWA KWUMVIRIZA IRYO JWI KU MABANDE.

25-0323 Agashashara ka Kabiri

Ubutumwa: 63-0319 Agashashara ka Kabiri

Ibimenyeshejwe Ibimenyeshejwe ku bijanye n’ugusobanura mu zindi ndimi bikorerwa muri Branham Tabernacle

Bakunzi Abumviriza Bande,

Ikibazo : Turi mu Bugombe butunganye mu kuvuza Amabande ?
Inyishu : EGO.

Ikibazo : Umugeni Akeneye vyinshi kuruta ibivugwa ku Mabande ?
Inyishu : OYA.

Ikibazo: Hari ico tubuze mu kwumviriza GUSA Amabande ?
Inyishu : OYA.

Ikibazo: Dushobora kuba Umugeni mu kwumviriza GUSA Amabande?
Inyishu : EGO YUMVIKANA CANE RWOSE !

Rero mwibuke ngo “Nta kizohishurwa ; Imana Ntizokora na kimwe, na gato, Itabanje kubihishurira abasavyi baYo, abavugishwa.”

Gutyo, ivyo dukeneye VYOSE vyaravuzwe kandi biri ku mabande; canke, igihe umumarayika waYo w’indwi azogaruka kw’isi, Azobitubwira rero.

Ewe Mugeni, reka twiyumvire ibiriko biraba ku Mugeni wa Kristo kw’isi yose. Data Ariko Akoraniriza hamwe Umugeni WiWe n’Ijwi RyiWe kandi Ariko Aturagara Ati: “Uko ni ko Uhoraho Agize.”

Nimwibuke, Yatubwiye ico ari co Imituragaro: «urwamo rwinshi rw’Imituragaro ni Ijwi ry’Imana». Kandi Ijwi ry’Imana ku Mugeni ni irihe? Intumwa mumarayika w’indwi w’Imana, William Marrion Branham.

Yavuze ko hariho Imituragaro indwi y’ibanga Iriko Iraza mbere Itanditswe na gato. Kandi ko biciye muri iyo Mituragaro Indwi, izotuma Umugeni Ahurira hamwe kubw’Ukwizera kw’Izamurwa.

Ijambo ry’Umwami Riza ku bavugishwa biwe. Iyo Agira uburyo bwo gukora bwiza kuruta, Yari kubukoresha. Yahisemwo uburyo bwo gukora bwiza mu ntango kandi Ntashobora guhinduka, kandi Ntazohinduka.

Gutyo, Ijwi ry’Imana, Rivuga biciye ku mumarayika waYo w’indwi, Ririko Rikoranya Umugeni waYo Riduha Ukwizera kw’Izamurwa.

Ishengero ntiryibajije kuva mu 1933, hariya ku ruzi urya munsi, ko William Marrion Branham ari Ijwi ry’Imana, Rituragara Riti, “Uko ni ko Uhoraho Agize,” kandi yarungitswe guhamagara, gukoranya, no kurongora Umugeni.

Ndipfuza kubatumira kuza kwumviriza hamwe natwe ku w’iyinga isaha zitandatu ku mutaga, kw’isaha ya Jeffersonville, (isaha icumi na zibiri ku mugoroba mu Burundi) mugihe Umwami Wacu Yesu Yugurura Igitabu, Amenagura Agashashara, maze Akakarungika kw’isi, ku mumarayika wiWe w’indwi, kugira ngo AKaDUhishurire!

MweneData Joseph Branham.

Igenekerezo : Kuw’iyinga 23 ukwezi kwa gatatu, 2025
Ubutumwa : 63-0319 Agashashara Ka Kabiri, Igihe : Isaha zitandatu ku mutaga, kw’isaha ya Jeffersonville (Isaha icumi na zibiri ku mugoroba mu Burundi)
Ivyanditswe vyo gusoma mbere yo kwumviriza Ubutumwa :
Uwera Matayo 4:8/11:25-26/24:6
Uwera Mariko 16:16
Uwera Yohana 14:12
2 Ab’i Tesalonike 2:3
Abaheburayo 4:12
Ivyahishuriwe Yohana 2:6/6:3-4/Igice ca 17/19:11-16
Yoweri 2:25
Amosi 3:6-7

25-0316 Agashashara ka Mbere

Ubutumwa: 63-0318 Agashashara ka Mbere

Ibimenyeshejwe Ibimenyeshejwe ku bijanye n’ugusobanura mu zindi ndimi bikorerwa muri Branham Tabernacle

Mukunzi waNje Mwamikazi wo mw’Ijuru,

Ndafise vyinshi cane ndababikiye kuri uyu w’iyinga. Ubwa mbere, muzokwumva ukwasirana kw’Umuturagaro. Rizoba Ari Ijwi Ryanje, Ijwi ry’Imana Rivugana namwe, Mugeni WaNje. Nzoba Ndiko Ndabahishurira Ijambo RyaNje nk’uko bitigeze biba mbere. MuzoMbona Jewe, Umwagazi w’Intama Uva amaraso Wari Warishwe kuva kw’itanguriro ry’isi, mufate mwugurure Igitabu, mumenagure Udushashara, maze muKirungike kw’isi, ku ntumwa umumarayika waNje w’indwi, William Marrion Branham, kugira ngo aBAhishurire amabanga yari yaranyegejwe kuva kw’itanguriro ry’isi!

Hazoba ukuvuza induru, ugusemerera, na za haleluya kw’isi yose mu gihe Mvugana naMwe. Intambwe izoba iriko iraroha; abasizwe, ubushobozi, ubwiza, ukugaragara bizoba birenze amajambo. Mwebwe Umwamikazi WaNje, Muzoba Mwicaye hamwe ahantu ho mw’ijuru mu gihe Nzovugana naMwe kandi Ndabaha Ukwizera kw’Izamurwa.

Mwibuke, mutegerezwa kugira ukwo Kwizera kwahawe abera rimwe risa. Narababwiye, mutegerezwa kwumviriza umumarayika waNje Nabarungikiye.

Ategerezwa “gusubiza Ukwizera kw’abana kuri ba se.” Ukwizera kwa Bibiliya, kw’inkomoko gutegerezwa kugarukanwa n’umumarayika w’indwi.

Amajambo YaNje Ababwira, ko mu minsi y’Ijwi ry’umumarayika w’indwi, ukuvuga kwiwe, kuvuza inzamba y’Ubutumwa Bwiza; ategerezwa guheraheza amabanga yose y’Imana. Nta kintu na kimwe gishobora kwongerwako kandi nta kintu na kimwe gikurwako mu vyo navuze ku mabande; muvuge gusa ivyo navuze biciye ku ntumwa mumarayika waNje. Ni co gituma nabifashe amajwi, kugira ngo mushobore gusa GUFYONDA MUKAVUZA maze mwumve neza na neza ivyo navuze, n’ingene nabivuze. Bizobaha Ukwizera kw’Izamurwa.

Mukunzi waNje Mwamikazi, mu Maso YaNje, mu buryo butunganye, mu buryo budasubirwako nta caha Ugira imbere yaNje. Ntuhagarike umutima, NTUZOCA mu mibabaro; kuko wemeye Amaraso Yanje, Ijambo RyaNje, umumarayika waNje, Ijwi RyaNje, gutyo nta caha ufise rwose imbere yaNje.

Ndafise ibintu bihambaye Ndabafitiye mu bubiko. Murabona Ijambo RyaNje Ryuguruka imbere y’amaso yanyu ku munsi ku munsi. Nashize ibimenyetso mu kirere kugira ngo Ndababwire ko hariho ikintu kiri hafi kuba. Ndiko Ndaza, mwitegure. Mushire Ijambo RyaNje, Ijwi RyaNje, imbere mu buzima bwanyu.

Mushire vyose ku ruhande, nta na kimwe gihambaye kuruta Ijambo RyaNje. Ndazi ko umwansi ariko aragerageza kubakubita hasi, ariko Narabasezeraniye ko Nzobaduza. Ndi kumwe naMwe, mbere no MURI MWEBWE. Mwebwe naNje Turiko Turaba Umwe uko Ndabahishurira Ijambo RyaNje.

Murazi mu mutima wanyu, ko MURI Umugeni Umwamikazi WaNje. Murazi ko Nabatoranije. Murazi ko NdaBakunda. Murazi ko Ndi kumwe naMwe ku musegonda wose umunsi ku munsi. Murazi ko NTAZOKWIGERA NDABASIGA.

Tuzoba turiko Turagira ibihe vyiza mu gihe Nzobahishurira vyinshi k’uw’iyinga wose, ku munsi ku munsi, mu gihe MuNyumva Mvuga biciye mu murarayika waNje. Abandi boshobora kudatahura canke kubona ivyo mubona, ariko Vyaramase mu mutima wanyu ko iyo ari Inzira yaNje Yatanzwe.

Mbega ubuhungiro Nabahaye. Mushobora gusa Gufyonda Mukavuza igihe cose, ku murango canke mw’ijoro, kugira ngo mwumve Mvugana namwe. Nzozana ukwirurwa ku bugingo bwanyu mu gihe Ndabahishurira Ijambo RyaNje kandi Ndababwira abo muri bo. Ubutumwa bwose ni ubwanyu, kandi ni ubwanyu gusa. Turashobora gufatanya no gusengera hamwe igihe cose mushaka.

K’uw’iyinga isaha zitandatu ku mutaga, kw’isaha ya Jeffersonville, (isaha icumi na zibiri ku mugoroba mu Burundi) igice c’Umugeni kizoba gikoranye kw’isi yose kugira ngo cumve ayo mabanga ahambaye ahishurwa. Ndabatumiye kuza kwifatanya natwe mu gihe twumviriza, 63-0318 « Agashashara Ka Mbere ».

MweneData Joseph.

Ivyanditswe vyo gusoma mu kwitegurira kwumviriza Ubutumwa :

Uwera Matayo 10 :1/11 :1-14/24 :6/28 :19
Uwera Yohana 12 :23-28
Ivyakozwe n’Intumwa 2 :38
2 Ab’i Tesalonike 2 :3-12
Abaheburayo 4 :12
Ivyahishuriwe Yohana 6 :1-2/10 :1-7/
12 :7-9/13 :16/19 :11-16
Malaki Igice ca 3 n’ica 4
Daniyeli 8 :23-25/11 :21/9 :25-27