All posts by admin5

23-0806 Agashashara ka Gatatu

Ubutumwa: 63-0320 Agashashara ka Gatatu

Kuvoma Ubutumwa

Ibimenyeshejwe Ibimenyeshejwe ku bijanye n’ugusobanura mu zindi ndimi bikorerwa muri Branham Tabernacle

Mukunzi Mugeni wakabuwe,

Nimwitegure, Uyu w’iyinga muzoronka ugukaburwa kurushirije kubwo uguhishurirwa gusumba uko mwigeze kuronka mu buzima bwanyu. Muzoba muriko muranywa kw’Ijambo. Bizoba ari vyiza cane, kandi bitomoye… kandi binatahuritse igihe Ibivuga. Kandi hariho uburyo bumwe bwo kubironka, Mutegerezwa gufyonda mukavuza!

Tora Amabande, yumvirize mutekereje. Kuko, Kuko muzobironka kuri bande, kuko bamye bavuza izo bande, rero ni nziza kandi ziranatahuritse. Rero, Rero muzobitahurira neza hariya.

Ni iki Intumwa Mumalayika w’indwi yavuze ? Uwo Imana Yahisemwo guhishura amabanga yose ya Bibiliya ; Uwo yahisemwo kugira ahishure Udushashara indwi, imituragaro, n’Ijambo ryiwe ryose. Umumalayika yahisemwo kugira ahamagare Umugeni wayo gusohoka. Uwo yahisemwo kugira ngo abe Ijwi ryiWe mu minsi yanyuma.

Reka dusome ubugira kandi kirya canditswe kugira dutahure ivyo Yatubwiye gukora.

« Muzobironka », HEHE ?
« Muzobironka bitahuritse », HEHE ?

Vuga akamaro ko gufyonda ukavuza hamwe no kwumviriza Amabande. IMANA ISHIMWE! Iri si Ijambo ryanje, Iri ni IJAMBO RY’IMANA Ibwira Umugeni Wayo, BIRONKE HARIYA…. KU MABANDE. Bavugabutumwa, mumve inyuma.

Ni gute umuntu yovuga ko yizeye Ubu Butumwa maze akavuga ko kuvuza Bande Atari ikintu GIHAMBAYE Umugeni yoshobora gukora? Mbega ni gute umwungere yoshira hejuru Ivugabutumwa ryiwe gusumba iry’umuhanuzi ? Si kubivuga gusa … Ndiko ndabikora ubu nyene, ariko kuvuza iryo Jwi kugira Ubusho bwiwe bushobore “ KUBITAHURA NEZA HARIYA.”

Ivugabutumwa rihambaye mw’isi ni Ivugabutumwa rya Bande. Nta kintu gihambaye gusumba gufyonda ukavuza. Hariho Ijwi rimwe gusa ryagenywe kuba Niko Uhoraho Agize ku Mugeni Wiwe, Ijwi kuri Bande.

Reka ndabitomore ubugira kandi. Sindwanya Umuvugabutumwa uwo ari we wese yigisha, kandi siniyumvamwo ko umuvugabutumwa atoshobora kuvuga ubutumwa canke kwigisha. Ariko kubwanje ni igikorwa canje, nahamagariwe kubwira isi kwumviriza Ijambo ryihaye umubiri, ryafashwe mu majwi kandi ryabitswe kuri Bande. Ni zerako ari Ijwi ry’Imana, kandi RYO, kandi RYONYENE, Ryishura ibibazo vyose. Rizobaha ibintu vyose mushaka, harimwo n’Ukwizera kw’Izamurwa, Kuko ARIKO UHORAHO AGIZE.

Umugeni ntakeneye Ijambo ryanje, ndiko ndavuga Ijambo nk’abandi bavugabutumwa. Wewe ushikiriza maze ukavuga ukuntu ari ngirakamaro kwumviriza Ivugabutumwa ryawe n’umuhamagaro wawe, Umwami Ashimwe. Ndiko ndabwira abantu Ivugabutumwa RIHAMBAYE ko ari Ijwi ry’Imana kuri Bande. Nta kindi kintu gihambaye kuRiruta. Ntibategerezwa kugira ikindi kintu.

Sindiko mvuga ibi kubantu kugira bagire inyifato Atari nziza canke ingeso Atari yo ku muvugabutumwa canke kw’ivugabutumwa, Imana Iravyanka. Ndabakunda. Ni BeneData. Imana yashize umuhamagaro ku buzima bwabo. Sinokwubahuka kuvuga nabi abantu basizwe n’Imana. Ariko ngoberewe no kuvuga ko abantu benshi bashize ugukavya kw’ivugabutumwa ryabo ntibashira Ijwi ry’Imana kuri bande nk’IJWI NGIRAKAMARO Umugeni ashobora kwumviriza.

Mvuga gusa nti, “Subiza MwneData Branhama kuri Alutari zanyu,”Kandi abavugabutumwa benshi barishize hejuru mu kuvugako MweneData Branham atigeze avuga ivyo kuri Bande, Kandi ngo bahamagariwe gufata Ijambo maze barihe abantu; BAGIRA IVYITWAZO VYO KUTAVUZA BANDE MU MASHENGERO YABO .

Bavuga bati, ni amakosa igihe umwungere avugije bande mw’ishengero , bakosora abantu mu kuvuga bati, asangwa bumviriza bande mu mashengero, si abakozi bImana , si Umugeni.

Narumvise ivyitwazo vyinshi bakoresha kandi babwira abantu. Gusa ntibazobwira abantu babo bati, AMABANDE NI IKINTU NGIRAKAMAARO MUTEGEREZWA KWUMVIRIZA” Asangwa abantu boca bibaza … “ Rero kuki tutavuza amabande mw’ishengero ryacu namba ari ngirakamaro?

Uwu niwe twumviriza kuw’iyinga:

Imana Yigaragaje Ubwayo mu Muntu, Imubwira uwari inyuma yiwe; Kandi ivyo Sara yakoze, yatwengeye mw’ihema. Kandi ibi vyanditswe vyose, vya Malaki, n’ibindi , vyarahanuwe mu minsi yanyuma. Abaheburayo 4 havuga hati, “Ijambo” ni Ryagaruka. Malaki 4 havuga ko Rizogarukana inzira y’umuntu

Iryo Jambo ryagarukanywe n’Umuntu kandi dufise Ijwi ryiwe ryafashwe kuri bande kandi turyumviriza BURI W’IYINGA.

Ndanezerewe no kubamenyesha ubugira kandi , uwu w’iyinga isaha zitandatu ku muhingamo, isaha ya Jeffersonville (ISAHA 12 Z’UMUGOROBA MU BURUNDI), tuzoba turiko turumviriza Ijabo ryihaye umubiri maze rifatwa kuri bande. Riduha ihishurirwa ku: Gashashara ka Gatatu 63-0320.

Mbega igihe tuzogira, Umugeni. Mbega umunezero uzuzura imitima yacu. Mbega amahoro azoremesha ubugingo bwacu, mu gihe tuzokwumviriza ivyo Imana ubwayo yabwiye Satani , “ Bavemwo. Igihe ucakiye umwe muri bo, ubusho bwanje bwuzuye amavuta yiWe n’umuvinyu w’Ijambo ryiWe ritunganye, Ntubasunikire kuvuga , “ Mwaramutse Mariya” canke za nemera zinaka. Ntubakoreko. Barazi iyo bagiye, kuko basizwe amavuta kandi bafise umuvinyu w’umunezero, kuko barazi Ijambo ryanje ry’isezerano. Ngiye kubahagurutsa ubugira kandi.” Ntubagore. Ntugende kubabuza amahoro…. Bigire kure.”

Ntaco dutinya. Dufise Ijambo. TURI IJAMBO. Ntiduhagarikwa n’ikintu ico ari co cose. Turi abahungu n’abakobwa b’Imana. Satani, igira kure, Ikintu cose kiratwegukira. Imana niko Yavuze. Biranditswe!
MweneData Joseph Branham

Ivyanditswe vyo gusoma imbere yo kwumviriza Ubutumwa
Matayo 25:3-4
Yohana 1:1, 1:14, 14:12, 17:17
Ivyakozwe n’Intumwa igice ca 2
1 Timoteyo 3:16
Abaheburayo 4:12, 13:8
1 Yohana 5:7
Abalewi 8:12
Yeremiya igiice ca 32
Yoweli 2:28
Zekariya 4:12

23-0730 Agashashara ka Kabiri

Ubutumwa: 63-0319 Agashashara ka Kabiri

Kuvoma Ubutumwa

Ibimenyeshejwe Ibimenyeshejwe ku bijanye n’ugusobanura mu zindi ndimi bikorerwa muri Branham Tabernacle

Mukunzi Mugeni,

Umugeni yamye yiyumvira kubijanye n’ubu Butumwa canke Intumwa yiwe uhereye mu mwaka 1933, igihe Inkingi y’umuriro yagaragara hariya hepfo ku Ruzi Ohio Urya munsi. Twaramenye ko William Marrion Branham ari Intumwa mumalayika y’indwi y’inkomezi y’Imana yarungitse kw’isi guhamagarira Umugeni waYo gusohoka.

Kuva ico gihe , Imana yagumye ikoraniriza hamwe Umugeni waYo kubwo ukuza kwayo. Turi muri ukwo kurindirana igishika guhambaye ; kuko tuzi yuko bizoba umusi munaka.

Yamye yubaka ukwizera kwacu kurusha mbere, Itubwira, Itwizeza, ko turi Umugeni waYo w’umwizigirwa. Turabizi mukugumana n’imfungurwa zayo zabitswe, ivyo dukeneye vyose birimwo, MU MABANDE.

Ivyo tubimenya gute vy’ukuri ? Ijambo rivuga ko Imana itazokora ikintu na kimwe Itabanje kwibira akabanga abasavyi bayo abahanuzi. Hanyuma turazi asangwa Imana Igiye guhishura ikintu kinaka canke gukora ikintu kinaka, Iduha ukwizera kw’izamurwa, Izovugira mu muhanuzi wacu, kandi umuhanuzi wayo wenyene.

Iminsi yukwiyumvira yararenganye. Umugeni yarafashe igihagararo. Nta kindi kintu ngirakamaro kiretse kwumviriza Imana Ivugana n’Umugeni wayo biciye kuri Bande. Niyo Majambo yemejwe n’Imana ubwayo kuba ari Niko Uhoraho Agize.

Igihe kigeze kure kandi turashobora kwumva uburemere bw’uguhinda bw’umwansi wacu budukikuje. Intambara zirarese kandi Satani ariko aratera ibibanza vy’imbere vyose, ariko Imana ishimwe twararonse imfungurwa za Mpwemu kandi twicaye ku meza y’umutware ijoro n’umutaga, Dufungura kuri iyo Manu yanyegejwe. Ibandanya Itwihishurira birushirize buri munsi, mu gihe Itubwira Iti, Ibintu vyose biratunganye mukunzi Wanje. Ndi kumwe nawe. Narakubwiye ko ntazigera ndaguheba canke ndakwigizayo. Bandanya ufyonda. Irukana Amadayimoni . Naraguhaye ikirwanisho rutura Bombe atomique, Ijambo ryanje, gikoreshe, naravyiyumviriyeko. Kandi hari handitswe, kandi ubu mu gihe canyu, narabivuze kugira mushobore kunyumva ndababwira, Ukwo Niko Uhoraho Agize, muri Umugeni wanje. Muri Ijambo ryihaye umubiri.

Imana yaravuze biciye mu munwa w’ikiremwamuntu kandi yaraduhaye Ijambo ryayo, nta bwoba dufise, Si Ijambo ryacu, ivyiyumviro vyacu, ivyiyumviro vyacu, ni Ijambo ry’Imana yaduhaye. Ukwizera kwacu kuri mw’Ijambo ryiwe kandi Ijambo ntirishobora kunanirwa !

Ubu, mu gihe twumviriza utu dushashara twuguruwe, Mpwemu aba asubiriye kuvugana natwe kandi turashobora kubona Amazina yacu yanditswe mu Gitabu c’Ubugingo c’Umwagazi w’Intama. Twokwizibira bigoranye. EGO, ni Izina ryanje ryanditswemwo. Ariko avuga ibinyerekeye.

Ingo mwifatanye natwe kuri uwu w’iyinga isaha zitandatu z’umuhingamo isaha ya Jeffersonville, hanyuma mwumvirize Agashashara ka kabiri 63-0319, mu gihe Ijwi ry’Imana Rizoba ririko rirababwira ko amazina yanyu yanditswe mu Gitabu c’Ubugingo c’Umwagazi w’intama.

MweneData Joseph Branham

Ivyanditswe vyo gusoma imbere yo kwumviriza Ubutumwa :

Matayo 4 :8/11 :25-26/24 :6
Mariko 16 :16
Yohana 14 :12
2 Ab’itesalonike 2 :3
Abaheburayo 4 :12
Ivyahishuriwe Yohana 2 :6/6 :3-4/ Igice ca 17 cose/19:11-16
Yoweli 2: 25
Amosi 3:6-7

23-0723 Agashashara ka Mbere

Ubutumwa: 63-0318 Agashashara ka Mbere

Kuvoma Ubutumwa

Ibimenyeshejwe Ibimenyeshejwe ku bijanye n’ugusobanura mu zindi ndimi bikorerwa muri Branham Tabernacle

Mukunzi… Ngiye kukwita Umugeni,

Imana, Umuremyi Ahambaye, Alufa na Omega, Ishurwe rya habasaleti ry’i Sharoni, Ikirungu co mu biyaya, Inyenyeri Ikayangana yo mu gaturuturu, Data, Mwana na Mpwemu Yera, Inkingi y’Umuriro, Imana UbwaYo, Yaje kw’isi kandi Yavuganye natwe iciye mu munwa w’umuntu. ISHIMWE, YaBishize ku ma bande, ku buryo woshobora kuYumva Iguhamagaye… «* WEWE » UMUGENI WAYO*.

Vyiyumvire bagenzi banje. Umwami Wacu Yesu Kristo, Akuraba mu maso kandi Akubwira Ati, « Uri Umugeni Wanje. Ndagukunda. Narakurindiriye igiye kirekire. Kuri Jewe, uratunganye. Uri akara ko mu mara yaNje, igufa ryo mu magufa yaNje. Nagutoye imbere yuko Ndema Isi canke inyenyeri. Ndagukunda cane. Tuzobana mu Bihe Bidashira turi kumwe. Ubu, Ndaje kubwawe. »

Ivyo vyonyene vyoha umwe wese muri twebwe Ukwizera kw’Izamurwa. Ni igiki umurwanizi ashobora kugutako, kukubwira, kugushirako gishobora kukubabaza ? NTA NA KIMWE, URI UMUGENI WA KRISTO ! Uri Ijambo RyiWe Ryihaye umubiri, uri Umupfasoni wa Yesu Kristo.

Ni gute uwo ari we wese, mu rurimi urwo ari rwo rwose, ashobora kwandika canke kuvuga ico bivuga kuri twebwe ? Vyonyene ntibishoboka.

Nta hantu na hamwe mw’isi ushobora kuronka ico cubahiro n’iryo bakwe vyo kwumva aya Majambo kiretse ufise Uguhishurirwa kw’ukuri no GUFYONDA UKAVUZA.

Ibintu bihambaye isi yarindiriye kuva ku ntango y’igihe, biriko biraba ubu nyene, kandi turi igice cavyo. Yari yarindiriye iki gihe, iyi saha, iri hanga, MWEBWE, kugira ngo Ashitse kandi Atunganye Umugambi WiWe Uhambaye.

Uguhishura kw’ibanga ry’Udushashara Indwi, Imituragaro Biriko Birahishurwa, ugutungana kwacu, Adamu WiWe yaragarukanywe neza, Ukuza kwiWe, ibi bintu vyose biriko biragaragara kandi bishika UBU, muri WEWE, UMUGENI WIWE !

Si mu gihe ca Mose. Si mu gihe ca Nowa. Si mu gihe ca Yesu, nta n’ubwo ari mu gihe ca Yohana canke Paulo, biriko birashika ubu, UBU NYENE, HAMWE NAWE.

Ntidushaka kubihusha. Dushaka kwitegurira Ukuza kwiWe. Kugira ngo dukore ivyo, twategetswe kuja kw’IJAMBO kugira ngo turonke inyishu zacu. Atari iciyumviro canje, canke iciyumviro c’umuntu munaka canke ico avyibazako, ariko ico Ijambo ry’Imana Ryagaragajwe Rivuga.

Turazi ko Umugeni Ategerzwa kuvuga « amen » kw’Ijambo Ryose kandi bahurize hamwe nk’umuntu Umwe. Kubw’ivyo dutegerezwa kuraba mw’Ijambo ry’Imana kugira ngo turabe ikigiye guhuriza hamwe Umugeni.

Kandi rero hagiye kuza Imituragaro Indwi y’ibanga itananditswe na gatoya. Ni vyo. Kandi nizeye ko, biciye muri iyo Mituragaro Ndwi, Izohishurwa mu minsi ya nyuma mu buryo bwo guhuriza hamwe Umugeni kubw’ukwizera kw’izamurwa.

Ni ivyo nyene biri mw’Ijambo. Imituragaro Ndwi Izohishurwa mu gihe cacu kugira ngo bihurize hamwe Umugeni kubw’ukwizera kw’izamurwa.

Hanyuma ikibazo gikurikira dukeneye kumenya ni iki : Imituragaro ni iki ?

Igihe, « yaturagara. » Mwibuke, urwamo rw’ukwasirana kw’Umuturagaro ni Ijwi ry’Imana. Ni co Bibiliya Ivuga, murabona, « ukwasirana kw’Umuturagaro. » Biyumviriye ko wari umuturagaro, ariko yari Imana. Yarabitahuye, kuko Yarabihishuriwe. Murabona ? Wari Umuturagaro.

Rero Imituragaro ni Ijwi Ry’Imana Rigiye guhuriza hamwe Umugeni no kubaha (TWEBWE) ukwizera kw’izamurwa. Ng’iyo inyishu yacu.

Ni nde Ijwi Ry’Imana ku Mugeni ? William Marrion Branham.

Rero, ndi mweneSo gusa, kubw’ubuntu bw’Imana, ariko igihe Umumarayika w’Uhoraho Amanutse, bicika, rero, Ijwi Ry’Imana kuri mwebwe. Sinshobora kuvuga na kimwe kubwanje, ariko ico Anyereka, ndakivuga. Muvyizere maze mwitegereze ibishika.

Muvyizere maze mwitegereze ibishika n’ibizoba kuri uyu w’iyinga, mu gihe dukoraniye hamwe, twakira ukwizera kw’izamurwa, tuMwumviriza Aturagara ku Mugeni WiWe.

Tuvuga ivy’ « ukwicara ubu ahantu ho mw’Ijuru » ? Mbega ibizoba ! Namba dushobora kwiyumva uku kuntu, twicaye ng’aha kw’isi, imbere yuko Izamurwa Riza, muri ubu buryo turimwo ubu ; kandi dushobora kuryoherwa, no guhagarara ku mpome, no guhagarara mu mvura, kugira ngo twumve gusa Ibi, bizocura iki igihe tuzoMubona yicaye hariya ! Yooo, Mana We ! Yooo, kizoba igihe c’ubwiza.

Ntubure muri iki gihe c’ubwiza. Uratumiwe gukorana natwe mu gihe tuzokwumviriza : Agashashara Ka Mbere, Ubutumwa bwavuzwe kw’igenekerezo rya 18 ntwarante 1963, isaha zitandatu kw’isaha y’i Jeffersonville (isaha icumi na zibiri ku mugoroba kw’isaha yo mu Burundi).

MweneData Joseph Branham.

Ivyanditswe vyo gusoma imbere yo kwumviriza :
Uwera Matayo 10:1
Uwera Matayo 11:1-14
Uwera Matayo 24:6
Uwera Matayo 28:19
Uwera Yohana 12:23-28
Ivyakozwe n’Intumwa 2:38
2 Abatesalonike 2:3-12
Abaheburayo 4:12
Ivyahishuriwe Yohana 6:1-2
Ivyahishuriwe Yohana 10:1-7
Ivyahishuriwe Yohana 12:7-9
Ivyahishuriwe Yohana 13:16
Ivyahishuriwe Yohana 19:11-16
Malaki 3
Malaki 4
Daniyeli 8:23-25
Daniyeli 11:21
Daniyeli 9:25-27

23-0716 Icanzo Hagati Y Ibihe Ndwi Vy Ishengero N Ibimatanishije Udushashara Ndwi

Ubutumwa: 63-0317e Icanzo Hagati Y Ibihe Ndwi Vy Ishengero N Ibimatanishije Udushashara Ndwi

Kuvoma Ubutumwa

Ibimenyeshejwe Ibimenyeshejwe ku bijanye n’ugusobanura mu zindi ndimi bikorerwa muri Branham Tabernacle

Bakunzi mashurwe matoyi bo mu Kidengeri,

Twarisunikiye twebwe ubwacu mu mazi y’ivyondo hanyuma dusanza amababa yacu. Amapedali yacu matoyi yaragiye kandi ubu turiko twerekana ishurwe ryo mu mwonga. Twarashikaniye vy’ukuri ubuzima bwacu Imana n’Ijambo ryaYo.

Turi mu gihe c’iherezo kandi tuvuye mu Buseruko no mu Burengero, Uburaruko n’Ubumanuko, twiteguriye Izamurwa. Duhagaze twemye kubwo akanya gatoya gushika buri gace kuzuye Mpwemu Yera. Twiteguriye kuduga.

Igihe cageze. Ariko Arahamagarira hamwe Ihanga ryayo Ubwayo mu Bumwe bw’ukuri hamwe naWe. Ni Yesu Kristo abana na Mpwemu wiwe mu mibiri yacu, Mu gukora vya bintu nyene yakora nk’ikimenyamenya kw’isi.

Ikintu gihamabye mu vyanditswe kiriko kirashika mu gihe cacu. Igikorwa, Atari n’umumalayika, nta kintu, coshobora kugikora, uretse Umwagazi w’intama. Yaraje maze akura Ico Gitabu mu kuboko kw’iburyo k’uwicaye ku ntebe y’Ubwami, Aracugurura, amenagura udushashara, maze akirungika kw’Isi, ku Mumalayika wiWe w’indwi, kugira aBiduhishurire, Umugeni wiWe.

Ibintu biriko birashika; Ijambo Ariko araduhishurira buri munsi, Rirarengeye. Twaradugije amajwi yacu maze turasemerera hanyuma tuvuga za Haleluya! Ugusirwa, ubushobozi, ubwiza, ukugaragara, Ihishurwa ry’Ijambo ryiwe Rirahambaye kuva kw’itanguriro ry’igihe.

Hamwe n’icaremwe cose kiri mw’Ijuru, hamwe no kw’isi, no musi y’isi, no musi h’ikiyaga, hamwe n’ibirimwo vyose twakomye akaruru : Imihezagiro, icubahiro, ubwiza, ubushobozi, bibe kuri We uwicaye ku ntebe y’Ubwami, hamwe no ku mwagazi w’intama ibihe n’ibihe, amen! Amen kandi amen!

Ikiremwa cose , Umuntu wese uhereye ku ntango y’igihe bari barindiriye iki gihe ko gishika. N’Imana yararindiriye gushika Umumalayika wayo yatoranijwe ashitse kw’isi imbere yuko aza gutora ca Gitabu, aracugurura maze ahishura amabanga yose ku Mugeni wiwe yatoranije.

Ubu turazi ivyo umuntu atigeze amenya uhereye kw’itanguriro ry’igihe. Ibintu vyose vyari vyaratakaye muri kwa kurwa. Ibintu vyose vyari vyaranyegejwe mw’Ijambo ryiwe. Ibintu Umugeni akeneye vyarafashwe mu majwi kandi vyashizwe mu bubiko butoya bw’Imana.

Yarabitweretse hirya ya ca Gihuzu c’igihe kandi twibona ubwacu turi kumwe naWe ku rundi ruhande. Umugeni ariteguye ubwiwe mu kwumviriza Ijambo.

Twari mu myimenyerezo. Twambaye ibirwanisho vyose vy’Imana nta kintu coshobora kudutirimutsa. Nta kintu coshobora kudutera ubwoba. Nta kintu coshobora kutubabaza nta kintu ntacodutuma tugiriranira imyumvikano n’Ijambo na Rimwe. TURI IJAMBO.

TuraMurindiriye dufise umurwi w’amashurwe mu minwe yacu. Igihe kirageze. Ya saha yakera iriko iradidagira. Turiko turumva umuhindo w’amafarasi, umusenyi utembagarira mu makurudumu. Wa mukogote wa kera uri muguhagarara.

Igihe Azoshikira tuzosimba tuve mw’isi tugana mu maboko yiWe. Azodufata maze Avuge ati, “ Nari nagiye kubategurira ikibanza ariko ubu birarangiye, mukunzi”.

Ukuza kwiWe kuri hafi. Dufise ivyo twiteze gusumba mbere, turanezerewe mu gihe ashaka ko twumviriza Udushashara Ndwi ubugira kandi. Turazi y’uko twari tugiye kuronka ihishurirwa rirushirije, kuko Buri Butumwa twumviriza busa nk’uko tutigeze tubwumviriza mbere.

Kubaho uyu munsi no kwumviriza Ubu Butumwa birahambaye cane kusumvya igihe bwashirwa mu majwi. Ariko arabiduhishurira birushirije ubu. None ni ibiki vyoshobora gushika ?

Ni muze mwifatanye natwe isaha zitandatu ku muhingamo , isaha ya Jeffersonville (isaha cumi na zibiri z’umugoroba mu Burundi), maze munezerererwe no kwumviriza : Icanzo hagati y’Ibihe Ndwi vy’Ishengero n’Ibimatanishije Udushashara Ndwi 63-0317E . Ni Imfungurwa zibitswe Umwami yateguriye Umugeni zo gufungura.

MweneData Joseph Branham

Ivyanditswe vyo gusoma mu kwitegurira kwumviriza Ubutumwa:
Abalewi 25:47-55
Yeremiya 32 :1-15
Zekariya 3:8-9/4:10
Abaroma 8:22-23
Abanyefeso 1:13-14/4:30
Ivyahishuriwe Yohana 1:12-18/ Igice ca 5/ 10:1-7/11:18

23-0709 Imana Yihisha Mu Biciye Bugufi Hanyuma Ikihishura Muri Ivyo Nyene

Ubutumwa: 63-0317m Imana Yihisha Mu Biciye Bugufi Hanyuma Ikihishura Muri Ivyo Nyene

Kuvoma Ubutumwa

Ibimenyeshejwe Ibimenyeshejwe ku bijanye n’ugusobanura mu zindi ndimi bikorerwa muri Branham Tabernacle

Bakunzi Bantu biharije, Hanga Cami ry’akazeze, Ritangaje, Buherezi bwa Mpwemu,

Mbega igihe c’ubwiza yahaye Umugeni waYo, Iriko Irahishura Ijambo ryaYo nk’uko bitari biri mbere. Ubutumwa bwose twumviriza bisa nk’uko tutigeze twuBwumviriza mbere. Imitima yacu n’imishaha yacu vyuzuye umunezero mu gihe dufungura Manu nshasha ivuye mw’Ijuru. Bisa nk’icijiji c’amazimano y’ubukwe agiye kuza mu gihe tugaburirwa Ihishurwa ku rindi.

Turiko turatanga ibimazi vya Mpwemu ku Mana , kubwo ivyamwa vy’iminwa yacu, mu gutazira Izina ryiWe. Twarafashe ikibanza cacu nk’inyenyeri zo mw’Ijuru.

Yaradukoranirije hamwe ahantu ho mw’Ijuru, Asuka Mpwemu Yera wiWe kuri twebwe, kugira ngo adutegure kubwo ukuza kwiwe. Ni ivyo gusa dushobora kwiyumvirako. Ni ivyo vyonyene dufise mu vyiyumviro vyacu. Ico dushaka gukora gusa ni UKWUMVIRIZA IJAMBO. Ibandanya Itubwira ko turi Umugeni waYo. Ubu ni ubugombe bwaYo Butunganye bwo kugumana n’inzira yayo Yateguye.

Turi abasoda b’umuce w’igikorwa ciWe ca bande , kandi turabinezererewe. Ni Ikimenyetso c’icubahiro. Dushaka gusemerera maze tubwire Isi, EGO, TURI UMWE MURI BO.

Yaraduteguriye Imfungurwa zibitswe tugaburirwa. Manu y’Imana ubwayo Ivugana n’Umugeni waYo,Itumenyesha yuko turi Ingabo zaYo.

Dukoraniye munsi y’ugufatanywa guhambaye kwo mw’Ijuru mu mahoro, kugeza aho Mpwemu Yera yashizeho urugingo rwose rw’umubiri gushika habaye ugukira kw’umubiri n’ubugingo vyompi.

Dufata Ijambo ry’Imana hanyuma tukanesha umurwanizi n’ubushobozi bwiwe. Turamutabaguramwo ibice hamwe n’Iryo Jambo. Umugaba mukuru w’ingabo wacu yatubwiye ati, « Muri Ijambo. Ntimutinye. Mugende mugana umurwanizi hanyuma muvuge muti, « HANDITSWE NGO. »

Yaraduhisemwo kugira ngo tube Abasoda baYo. Twamye mu myimenyerezo, duhabwa inkomezi n’Ijambo. Ubu twambariye urugumba kandi turiteguye kurwana. Umugenerali wacu w’inyenyeri zitanu yadutegetse ivyo dukora : Gumana n’Inyigisho za Bande.

Kandi vy’ukuri, vuga ivyo Bande ivuga gusa. Ntihagire ikindi uvuga. Murabona? Kuko, simvuze ivyo jewe ubwanje. Ni We Abivuze, murabona. Kandi kenshi, uruzazane, abantu barahaguruka maze bakavuga bati, “Yemwe, Naka nan aka yavuze bisigura uku na kuriya.” Gusa-gusa bigumize uko bimeze.

Si ivyo William Branham ariko aratubwira kuri Bande, Ni ivyo IMANA Iriko Irabwira Umugeni waYo kuri Bande. Aya niyo MATEGEKO yaYo. Hariho inzira imwe gusa yo kwubaha aya mategeko avuye ku Mugaba amukuru w’ingabo wanyu w’inyenyeri zitanu kandi yagumize uko ameze, FYONDA MUVUZE.

Turi mu ngabo z’Imana, rero dutegerezwa kwubaha amategeko yacu Ijambo kw’Ijambo. Turiko turabandanya tuja imbere. Turi abantu b’igiciro, abantu b’ukwizera, abantu b’ubushobozi, abantu batahura, abantu b’uguhishurirwa.

Turiko dusubira mu gufatanya gutunganye hamwe na Data ubugira kandi, duhagaze ku rundi ruhande rw’imanga, ata kwibuka icaha kiturwanya. Adamu wiWe yashumbushijwe.

Ni Imana mu bintu vyicishije bugufi ubugira kandi. Si ivyo umuntu uwo ari we wese, ni Umugeni wiwe gusa, Kandi turabibona neza mu buryo buramvuye.

Ndindiranye igishika co gusubira kwumviriza Udushasha indwi ubugira kandi. Izoba Iriko Iraduhishurira Ijambo ryaYo nk’uko bitegeze mbere. Tuzoba turiko turakira Uguhishurirwa kwiWe guhambaye kw’Ijambo ryiWe.

Yari yararindiriye gushika iki gihe kugira Iduhishurire birushirije. Ivyo dukeneye vyose vyarafashwe amajwi kandi bihari kubwacu kugira tuvyumvirize mu gufyondesha urutoke rwacu gusa.

Ubu Butumwa ni Irya Mituragaro Ndwi izotunganya Umugeni ; KUKO AMABANGA YOSE Y’IMANA AZOHISHURIRWA INTUMWA MUMALAYIKA W’INDWI KU MUGENI

Iki nico gihe gihambaye muri kahise k’isi. Turi kw’iherezo ry’ukuza kwiWe kubwo Umugeni wiWe. Isi yiteze ibi bintu vyose vyavuzwe mu Vyanditswe; nk’izuba rirenga hagati y’umusi hamwe n’ibintu vyose ko vyoshika. Ariko hararenganye, kandi ntibabimenye.

Nimwibuke, bimatanishije amabanga y’imituragaro ndwi. Murabona?

Ndabatumiye kuza kwifatanya natwe isaha zitandatu ku muhingamo, isaha ya Jeffersonville ( akaba ari isaha cumi na zibiri mu Burundi), mu gihe dutangura uru rukurikirane ruhambaye hamwe n’Ubu Butumwa : Imana Yihisha mu biciye bugufi, hanyuma Ikihishura muri ivyo nyene 63-0317M.

Mu gihe MweneData Branham azosubira gushikanira Imana urushengero Branham Tabernacle hamwe n’abantu , Reka twishikanire Imana ubwacu, inzu zacu, amashengero yacu, canke aho ari ho hose dukoraniye, kubwiwe.

MweneData Joseph Branham
1 Ingoma 17:1-8
Yesaya 35:8/40:1-5/53:1
Malaki Igice ca 3
Matayo 11:10, 11:25-26
Yohana 14:1-6
1 Ab’I Korinto Igice ca 13
Ivyahishuriwe Yohana Igice ca 21

23-0702 Intambara Ihambaye Itigeze kurwanwa

Ubutumwa: 62-0311 Intambara Ihambaye Itigeze kurwanwa

Kuvoma Ubutumwa

Ibimenyeshejwe Ibimenyeshejwe ku bijanye n’ugusobanura mu zindi ndimi bikorerwa muri Branham Tabernacle

Bakunzi, Barwanyi Mushitse b’Igikorwa ca Bande

Muze dukoranire hamwe mu kurangiza ino ndwi y’igitangaza kubwo inyigisho twaronse ku rwego rwo hejuru rw’ubwiza, mu gihe tuzokwumviriza umu generali wacu w’inyenyeri 5 avuga aciye mu mumalayika wo kw’isi yatoranije, hanyuma atwigisha ingene tworwana no kunesha : intambara ihambaye itigeze irwanwa bwigishijwe itariki 11 ukwezi kwa 3 umwaka wa 1962.

Hehe : ku cicaro gikuru ( Intebe y’Imana ) isaha umunani kw’isaha ya Jeffersonville (akazoba ari isaha zibiri z’ijoro mu Burundi )

MweneData Joseph Branham

23-0625 Mugenzi, Iki Ni Ikimenyetso c’Iherezo?

Ubutumwa: 62-1230e Migenzi Mbega Iki Ni Ikimenyetso C Iherezo?

Kuvoma Ubutumwa

Ibimenyeshejwe Ibimenyeshejwe ku bijanye n’ugusobanura mu zindi ndimi bikorerwa muri Branham Tabernacle

Mukunzi Mugeni Jambo ku Rindi.

Nta muhanuzi, nta ntumwa, nta na rimwe , mu gihe na kimwe, higeze habaho igihe nk’iki tubayemwo ubu. Iri ni iherezo. Inkingi y’umuriro yaragarutse. Ya nkingi y’umuriro yarongora abana b’isilayeli ; Ya yindi nyene yahushura Sauli ikamugwisha hasi mu nzira ija I Damasiko. Iyo nyene yazananye bwa bushobozi nyene, Ikora vya bintu nyene, kandi Ihishura rya Jambo nyene, Igumana n’Ijambo kw’Ijambo hamwe na Bibiliya !

Yahishuriwe amabanga yose . Mwari mubizi ? Amabanga YOSE. Nta kintu gishasha, nta kintu gisigaye, nta kizohishurirwa uwundi muntu ; Vyose vyahishuriwe intumwa mumalayika wiWe w’indwi kandi twarabihawe , Umugeni wiWe, kuri Bande.

Ni ivyo vyose Umugeni yarakeneye, Menya neza kandi, ivyo vyose Umugeni yarakeneye. Abandi bakenere ibindi bintu, kandi barabihabwa. Ariko ivyo dukeneye vyarafashwe amajwi kandi twabihawe kuri Bande hanyuma kandi Biriko Biduha UKWIZERA kw’Izamurwa.

Turi Ishengero Umwami Mana yamuhaye. Iki nico cicaro gikuru ciwe. Aho niho yatubwiye kuguma. Si mu nyubako, AMABANDE. Turi urya mugwi w’abantu wizera, kandi unyotewe no kuguma kuri buri Jambo. Yatubwiye kuguma hano hanyuma tukitegereza Ibuye ryera,Ibuye Rikomeye Cane, IJAMBO KURI BANDE.

Ijwi rivuye mw’Ijuru ryavuganye nawe maze rivuga riti, “ Zana imfungurwa. Zibike. Ubwo nibwo buryo bwonyene bwo kubagumiza hano, ni Kubaha imfungurwa.” Ntiyigeze avuga kuraba ikindi kintu, canke ko hobaye uguhishurirwa gushasha kuvuye ku wundi muntu; Hanga amaso IZI MFUNGURWA ZIBITSE KURI BANDE, GUMA NG’AHO.

Ariko nk’uko babikoze mu ndoto zose yahishuye, bamwe bavuye muri iyo nzira , bamwe bafashe inzira imwe abandi bafata iyindi. Bamwe nibo bagumye aho hanyuma bumira kuvyo yari yarababwiye.

Rero gereranya ivyo na ziriya zindi, Inzozi. Iri ryari iyerekwa. Imfungurwa, ng’izi. Iki nico kibanza.

Nta kintu gitomoye kurushiriza ico cari kuba ku Mugeni wayo. Iri ryari iyerekwa. Si indoto, IYEREKWA. Imfungurwa ziri hano : Bande. Iki nico kibanza : AMABANDE. Turiko turakora neza na neza ivyo yatubwiye gukora : Umviriza AMABANDE !

Bisaba uguhishurirwa kwa Mpwemu mu gutahura ibi bintu. Bizosaba uguhishurirwa kwa Mpwemu kwizera no gutahura ivyo Izotubwira vyose uyu w’iyinga. Kizoba ari igihe c’ubwiza ku Mugeni.

Hariho ibintu vyinshi Imana Iriko itubwira kandi Iduhishurira kuri Ubu Butumwa. Nshaka gutora ivyanditswe ku bindi hanyuma ndabibahe, ariko ndaziko Izohishura Akavunji kose kuri mwebwe kuko ibi nivyo yavuze mwari :

Iri niryo shengero Umwami Mana yampaye. Aha niho cicaro canje gikuru. Aha niho nguma… Hariho n umugwi w’abantu hano bizera, bashonje kandi babandanya.

Turi urya mugwi ushonje kandi ubandanya. Benshi badutahura nabi kandi bakadukekeza, ariko ivyo ni vyiza, turabakunda kandi turabasengera; yamara dukeneye gusa IJWI RIMWE ryo kuturongora.

Mbabarira, ariko ntegerezwa kubaha iki canditswe.

Igihe azotangura kuvuza inzamba, niho Ibanga rizoba riherahejwe.” Rero, Itegereze, kandi ni igihe c’amajwi y’agashashara k’indwi, k’ivyahishuriwe Yohana 10, ko bihishurwa. Muratahura? Igihe amabanga yose y’Igitabu azoba aherehejwe! Kandi Bibiliya ivuga hano yuko Amabanga azoba aherahejwe.

Ni nde azohishura arya mabanga? Umwungere wawe ? Umurwi ? Jewe ? Intumwa Mumalayika w’indwi : William Marrion Branham. Nta wundi muntu imbere yiwe, mu mwanya wiwe canke inyuma yiwe. Azoheraheza amabanga.

Hashobora kuba ari umunywamazi uzokubura mu kirere hanyuma hazoboneka itangazo rivuye mw’Ijuru, rivuga riti,” Ntibigitevye.” Asangwa ari, reka twitegure ubwacu, bagenzi, guhura n’Imana yacu.

Ego Mwami, Dushaka kwitegurira guhura nawe. Dushaka gukora ivyo dushoboye vyose. Dushaka kuba mu bugombe bwawe butunganye. Tubwire Data , twokora iki kugira twitegure?

Hariho imfungurwa nyinshi zashizweho ubu. Reka tuzikoreshe. Reka tuzikoreshe ubu.

Urakoze Data kubwo ibifungurwa washizeho kubwo Umugeni n’ukubihishurirwa . Turiko turabikoresha buri munsi.

Ndasabira ukubabarirwa kw’iri Shengero ryanje ritoya hano wandungitse kuyobora no kurongora. Bahezagire, Mwami. Nakoze bijanye n’indoto n’iyerekwa n’ibintu Yavuze, rero, aho ngeza kumenya, nabashiriyeho imfungurwa zose uko nshoboye, Mwami. Uko biri kwose, Mwami, Turi abawe.

Urakoze Mwami, Waratubwiye ubugira kandi, Washizeho imfungurwa zose dukeneye mu rugendo.

Ndindiranye igishika co kwumviriza, Mugenzi, iki ni Ikimenyetso c’iherezo? 62-1230E, hamwe namwe kuw’iyinga isaha zitandatu, Isaha ya Jeffersovnille(isaha 12 z’umugoroba mu Burundi). Ndazi ko tuzohishurirwa ibintu bushasha kuruta uko vyari mbere. Iki gishoboka kuba ari igihe ca nyuma tuvyumvirije.

Mbega vyocura iki ari ikintu kiturongorera kwinjira mu Kwizera kw’Izamurwa? Sivyo? Twokwiruka? Tugasimba ibihome? Hoba hariho ikintu citeguriye gushika, hanyuma iyi mibiri yononekaye, mibi ikazoca ihindurwa? Noshobora kubaho kugira ndabibone? Ewe Mwami? Vyoba vyegereye kuburyo nobibona? Uru rwoba ari rwo runganwe? Bagenzi, BeneData, ni igihe ki? Turi hehe?

MweneData joseph Branham

23-0618 Igihe c Ishengero ry i Lawodikiya

Ubutumwa: 60-1211e Igihe c Ishengero ry i Lawodikiya

Kuvoma Ubutumwa

Ibimenyeshejwe Ibimenyeshejwe ku bijanye n’ugusobanura mu zindi ndimi bikorerwa muri Branham Tabernacle

Bakunzi Abizera Ijambo Ritananirwa,

Mbega ukuntu vyabaye igitangaza kwumviriza no gusoma ibi bihe ndwi vy’Ishengero. Buri Butumwa twumviriza, Igice cose dusoma, Iriko iraduha uguhishurirwa kwinshi, twebwe ubwacu twibona tumanuka biciye mu gihe c’ishengero cose… Umugeni wiwe, uwagumanye Ijambo ryiwe ry’inkomoko.

Biciye mu bihe turabona neza impwemu zibiri ; Uruhendo rwa Satani n’ububeshi, yonona Ijambo ry’Imana, azana uruhendo kandi abesha hanyuma anesha abantu. Ariko igihe cose hamye hariho umugwi mutoya w’abantu wizigiwe, Umugeni wiWe, uguma kw’Ijambo ryose.

Hama hariho ukugabishwa guhabwa abantu, Mutegerezwa KUGUMANA N’IJAMBO. Ubugira kabiri mugume inyuma y’Iryo Jambo, Mwaracakiwe n’umutego wa Satani ; nk’uko Eva yabikoze kw’Itanguriro. Yarananiwe gukoresha Ijambo. Adamu yarananiwe mu kwubaha Iryo Jambo. Ariko Yesu, mu buzima bwiwe bwite, mu ntambara ubwiWe, yanesheje kubwo kwubaha Iryo Jambo ry’Imana.

Yavuze ati asangwa dukeneye kwicara ku ntebe yiWe y’Ubwami, Dutegerezwa kuba Rirya Jambo Rizima. Amasengesho yacu, ukwisonzesha, canke mbere n’ukwihana kwacu ntibizoduha ako karyo. Kazohabwa gusa Umugeni JAMBO.

Hariho vyinshi novuga, n’ivyanditswe nosangiye namwe mwese, ntivyohera. Ndazi yuko Ubu Butumwa buriko burarurumbira mu mitima yanyu kandi mukunda Ijambo ryose, nk’uko ndabikora. Rero ivyo dutegerezwa gukora gusa ni ukuvuga no gufatanya naRyo. Dushaka ko isi imenya: Ego, turi abantu ba Bande, Ego, turafyonda tukavuza. Ego, twizera ko Ijambo ryo kuri Bande ari Ryo rizotunganya Umugeni. Ego, Bande izokoraniriza hamwe Umugeni. Ego, gufyonda mukavuza ni Ubugombe bw’Imana butunganye. Ego, ndi Umugeni wiWe.

Ndazi yuko ndiko ndasubiramwo ubwanje ibiri mu makete yanje menshi, ariko ndanezerewe cane, rero ndanezerewe cane… Si agaseseshwa rumuri, Uyu ni umugambi w’Imana kubwo Ugeni wiWe.

Ubutumwa bwose twumviriza; turatangara cane, ukuntu batabona, batasoma canke ngo bumvirize ivyo twumviriza. Biri hariya, kuri Bande, inyuma ya buri Bande, inyuma ya buri Bande, Numva nobabwira nka kumwe Yesu yabwira Nikodemu ati, “ Ni wewe Mwami w’abisilayeli ukaba utazi ibi bintu?”

Umviriza gusa ukuntu uwo Mumalayika abikora.

Kubwo inyifato z’ikiremwa muntu gusa, umuntu wese arazi ko ahari abantu benshi haba hariho ivyiyumviro bitandukanye vy’inyigisho nyamukuru bose bahurizako.

Ku nyifato y’ikiremwa muntu gusa, ata gutahura kwa Mpwemu kuhabaye, umuntu wese arazi ko abantu babiri bazogira ivyiyumviro bitandukanye KU BINTU vy’inyigisho nyamukuru.

Bose boshobora kwemeranya maze bakavuga ko abantu badakoze ivyo bavuze ko boca bagenda, rero ugusambuka kuzoca gukurikira. Ariko umuhanuzi w’ukuri azokwama arongorera umuntu kw’Ijambo maze agumize abantu kuri Yesu Kristo kandi ntazobwira abantu kumutinya canke ivyo avuze ahubwo gutinya ico Ijambo rivuze.

Mbega Ijambo rivuga iki? Nzobarungikira Eliya umuhanuzi. Mu minsi y’IJWI. Azoba ari Umuhanuzi Jambo umwe… Umwe gusa… Kuko Imana Yahaye gusa uwo wenyene uguhishurirwa. Niwe azoshumbusha Umugeni wanje.

Amajwi menshi n’ivyiyumviro n’ivyanditswe ni gute vy’ukuri wovyizera?

Ninde none azoba afise ubushobozi butananirwa buzoshumbushwa muri iki gihe ca nyuma, kuko iki gihe kizosubira kugaragaza Umugeni Jambo atunganye?

Uwo niwe Umugeni ashaka kwumviriza, uwufise ubushobozi butananirwa, kuko niwe AZOSHUMBUSHA Umugeni. Ntazogira ivyiyumviro bitandukanye, ni Ijambo.

Ikibazo: Mwami dushaka kumenya ninde muntu azoba afise amajambo atananirwa?

Nzobabwira uwuzoba ayafise, azoba ari umuhanuzi yagaragajwe, canke yagaragajwe gusumba umuhanuzi uwari we wese mu bihe vyose uhereye kuri Enoki gushika iki gihe, kuko uyu muntu azoba afise ibuye ry’ukunengesera ry’igikorwa c’ubuvugishwa hanyuma Imana Izomugaragaza. Ntazotegerezwa kwishingira intahe , Imana Izomushingira intahe biciye mw’Ijwi ry’Ikimenyetso. Amen.

Inyishu: William Marrion Branham

Reka ndabatere intege uyu musi mwebwe Umgeni yatoranijwe. Ntimushobora kandi ntimuzokwira muhendwa. Ivyo murabitahura? Nta wundi muntu ashobora kubahenda. Paulo iyo akaba mu kinyoma ntiyari gshobora guhenda uwatoranijwe n’Umwe. Mbere no mu gihe c’ishengero rya mbere rya Efeso, Abatoranijwe ntibari gushobora guhendwa, barageza intumwa z’ikinyoma n’abahanuzi b’ababeshi bagaca babata kure.

Umugeni w’ubwiza…Muri Intama ziWe kandi mwumviriza Ijwi ryiWe maze mukamukurikira. Muri Umugeni Jambo Rizima!!

Nta kintu na kimwe gihambaye gusumba kwumviriza aya majambo. Kumenya mu mutima wawe no mu bugingo bwawe yuko uri Umugeni wiWe. Imisi isi yari irindiriye yarashitse. Umugeni ariko aritahura ubwiwe kandi ariko aracika umwe hamwe We, turi icaremwe gishasha c’Imana.

Ubugira kandi ndabinginze, Umviriza IJWI RY’IMANA kuw’iyinga, aho ari ho hose mukoranira, ntaco bitwaye Ubutumwa bwose mwokwumviriza mu gihe muriko murumviriza Ijwi ry’Imana ryagaragajwe. Iryo Jwi ni Ijwi Imana yahamagaye hanyuma araritoranya kugira rishumbushe kandi rikoranirize hamwe Umugeni.

Ku mashengero yose, ku bantu bose, muratumiwe kwumviriza hamwe natwe kuri uwu w’iyinga kw’isaha zitandatu isaha ya Jeffersonville (isaha cumi na zibiri z’umugoroba mu Burundi), Mu gihe tuzokwumviriza: Igihe c’Ishengero ry’I Lawodikiya 60-1211E

MweneData Joseph Branham

23-0611 Inkumi Cumi, N’ Abayuda Ibihumbi Ijana Na Mirongo Ine Na Bine

Ubutumwa: 60-1211m Inkumi Cumi, N’ Abayuda Ibihumbi Ijana Na Mirongo Ine Na Bine

Kuvoma Ubutumwa

Ibimenyeshejwe Ibimenyeshejwe ku bijanye n’ugusobanura mu zindi ndimi bikorerwa muri Branham Tabernacle

Bakunzi Abakunda Manu,

Turanezerewe kuko dushobora gufungura Imfungurwa zitagira igufa canke urubuto muri zo. Imitsima imanuka ivuye mw’Ijuru, yitwa « Manu, » Ipfukishijwe uburyohe bwose bwo mw’Ijuru.

Kubwo Uguhishurirwa kwa Mpwemu Yaduhishuriye ko hariho ikibanza kimwe gusa dushobora kuronkamwo Iyi Manu nshasha itarimwo imbuto : Mu kwumviriza Ijwi ry’Imana Yateguriye Umugeni waYo.

Nico gisabo ciWe ko muri buri gihe amashengero yokwumviriza Ijwi ry’Umwami. Muri iki gihe ca nyuma , igisabo ciWe kirarengeye gusumba mbere n’ikindi gihe ; kuko iki ari igihe c’Ukuza kw ‘Umwami. Yaratugabishije, mu vyihuta vyose, y’uko dutegerezwa kwumviriza Ijwi ryiWe ry’ukuri ryagaragajwe.

Yooo,hariho Amajwi menshi mw ‘isi- Ingorane nyinshi kandi bikenerwa kubimerera magabo ; Ariko ntihazokwigera habaho Ijwi ngirakamaro cane kandi Ribereye gukurikira nk’Ijwi rya Mpwemu. Rero, « Uwuri n’ugutwi niyumve ico Mpwemu abwira Amashengero. »

Ukwo ni, ukugabisha kwiWe ku mashengero yiwe, Ukuntu ari ngirakamaro kwumviriza IJWI rya Mpwemu. Vy’ukuri aho niho umwansi azomenera, agerageza kwigiza kure akamaro ko kwumviriza iryo IJWI mu bantu.

Atubwira ko hariho AMAJWI MENSHI. Hariho ingorane nyinshi n’imitwaro myinshi kandi bikenerwa kubimerera magabo , ariko ntimwibagire, mutegerezwa kwumviriza IJWI RYIWE RYAGARAGAJWE.

Asangwa ndabababaje mukuvuga ivyo, murantunga, ariko niyumvisemwo ko nobivuga, ariko, ndi Ijwi ry’Imana kuri mwebwe.

Ng’iyo inyishu : NDI IJWI RY’IMANA KURI MWEBWE.

Biratahuritse cane ku Mugeni wiWe. Si ibinyegezwa, biri hariya ku mugaragaro. Umuntu wese arashobora kubisoma. Simbwira abantu ikintu Atavuze… Sindiko ndaciremera. Atubwira neza ikintu dutegerezwa gukora. Ubugombe bw’Imana butunganye ni UKWUMVIRIZA IJWI RYIWE KANDI NI IJWI RY’IMANA KURI TWEBWE.

BeneData na bashikibacu, sindiko ndavuga ko mutoshobora kwumviriza abungere banyu. Sindiko ndavuga ko atari ab’ubukuri canke ab’ibikinyoma igihe bigisha. Vy’ukuri Umwami yadushize hano kugira tube imfashanyo ku Mugeni hanyuma tubakangurire KUGARUKA kw’Ijambo ry’inkomoko ; mu gushira Iryo Jwi Imbere yanyu nk’Ijwi ngirakamaro cane mwoshobora kwumviriza. Dutegerezwa KUGARUKA KU BUGOMBE BUTUNGANYE BW’IMANA. Adamu yashumushijwe, ahabwa inkomezi kw’Ijambo. Imana yavugana na Adam umunwa ku gutwi buri munsi mw’itongo, kandi uyu munsi, Iriko irakora ico kintu nyene.

*Twotegerejwe guhagara mu canzo maze tukavuga tuti, “Turi Benedata!” Ntitwiciyemwo ibice, twese turi umubiri umwe, ivyizigiro bimwe n’inyigisho zimwe (Inyigisho za Bibiliya)

Turi BeneData. Sindiko ndagerageza gusambura amashengero, ndiko ngerageza kugira twiyungire hamwe n’ikintu gusa gishobora gushira hamwe Umugeni. Twese ntidushobora kwemeranya N’UMUNTU WESE canke UMUGWI W’ABAKOZI B’IMANA, bose baratandukanye, kandi bavuga ibintu bitandukanye. Hariho GUSA Intumwa Mumalayika w’indwi imwe. Hariho Ijwi ry’Imana rimwe gusa. Ijwi Imana yateguriye Umugeni waYo riri kuri Bande.

Reka ndabishire kumugaragaro, Uguhishurirwa kwanje ni : Kwumviriza Ijwi ry’Imana kuri Bande ni UBUGOMBE BW’IMANA BUTUNGANYE .

Nko mu gihe ca Samweli, igihe abantu bamwegera hanyuma bamubwira ko bari bakeneye umwami wo kubarongora. Vyateye umubabaro umutima wiwe. Yaragiye ku Mana hanyuma aYibwira ivyo bari bakeneye. Imana yabwiye Samweli Iti, ntibanse wewe, Samweli, Banse jeWe, kugira sindabaganze.

Ni gute ukuganza kwiWe kuri bo kwari kumeze? KUBW’UMUHANUZI WIWE SAMWELI. Ivyo vyari UBUGOMBE BWIWE BUTUNGANYE, kandi baramwanse. Kugira ngo ube Umugeni wiwe utegerezwa KUGARUKA ku bugombe bwiwe butunganye. Ntushobora kugira UBUGOMBE BUBIRI BUTUNGANYE.

Es’ ukuntu nokwipfuje yuko Umugeni wese yo kwiyunga kw’isi yose kugira ngo yumvirize ijwi ry’Imana mu mwanya umwe. Atari kubera “ JEWE” Ndabivuze, ariko kubera ko ari Imana Iriko IRABIKORA. Ico nico kintu conyene gishira umugeni waYo hamwe.

Ndabatumiye kugira ngo muze kwumviririza hamwe n’ igice c’Umugeni, kuw’iyinga isaha zitandatu z’umuhingamo, isaha ya Jeffersonville (zikazoba ari isaha cumi na zibiri z’ umugoroba mu Burundi), mu kumviriza : Inkumi Cumi, n’Abayuda Ibihumbi Ijana na Mirongo Ine na Bine 60-1211M.

Asangwa utokwiyunga natwe, tera intege umwungere wawe mu kumviriza ijwi ry’Imana kuri uyu w’iyinga mu gatondo mw’ishengero ryanyu. Mwoshobora kwiyumvira umugeni wo kw’isi yose, mw’ishengero ryose, mu nzu yose, canke aho ari ho hose muri, mwumviriza
manu nshasha Ipfukishijwe uburyohe bwo mw’Ijuru.

MweneData Joseph Branham

23-0604 Igihe C Ishengero Ry I Filadelufiya

Ubutumwa: 60-1210 Igihe C Ishengero Ry I Filadelufiya

Kuvoma Ubutumwa

Ibimenyeshejwe Ibimenyeshejwe ku bijanye n’ugusobanura mu zindi ndimi bikorerwa muri Branham Tabernacle

Mukunzi Mukenyezi Yesu Kristo,

Ivyo ntivyumvikana nk’igitangaza ? Umwagazi w’intama n’Umugeni wiWe ibihe vyose bamye mu kwera kwose kw’Imana. Mbega twovyerekana gute ? Tuvyiyumvireko. Tuvyibazeko. Dusoma ivyo Ijambo Ribivugako. TuraMubona Asangira NATWE Ukwera kwiWe bwite. Muri We, Twahindutse ukugororoka kw’Imana.

Mbega umunezero bituzagira igihe dufyonze tukavuza, hanyuma tukumviriza Imana ubwaYo Ivugana natwe biciye mu mu malayika waYo w’inkomezi maze akatubwira ibi bintu.

Nta kintu na kimwe kihari muri buno buzima, gihagije nk’uko bishoboka, ciza kandi kimeze neza nk’uko bishoboka, yamara muzosanga ukwera kwose muri Kristo. Ikintu cose gikamanganira vy’ukuri iruhande Yiwe.

Yatubwiye ko tuzoronka Izina rishasha, Izina ryiWe. Tuzohabwa Izina ryiWe igihe azodutwara iWe. Bizoba ari ivy’igitangaza gusumba uko twovyiyumvira.
Tuzogenda aho ari ho hose Umukwe azoja. Ntazigera adusiga. Ntituzigera tuva mu ruhande rwiWe. Tuzosangira nawe Intebe yiWe. Tuzokwambikwa Igitsibo n’ubwiza bwiwe hamwe n’icubahiro ciWe.

Kandi nk’uko Yigaragaza ubwiWe kw’isi, rero isi yose yunama ku birenge vyiWe, ico gihe isi yose izokwunama ku birenge vy’abera, vyerekana yuko babaye ab’ukuri mu gihagararo cabo hamwe naWe. Imana Ihezagirwe ibihe vyose !

Yatumenye ubwa mbere kubw’inshingano yaYo y’ubumana yuko twobaye Umugeni waYo. Yaraduhisemwo ; NtitwaMuhisemwo ; YaraDuhamagaye ; NtiTwizanye. YaraDupfiriye. YaTwogeje mu Maraso yiWe bwite. YaraTurihiye ikiguzi. Dukomoka kuri We, kandi kuri We wenyene. TuraMwishikaniye uko turi kwose kandi Yemera iyo nshingano. Ni Umurongozi wacu. Avugana natwe biciye ku mumalayika wiWe natwe tukubaha, kuko uwo niwo munezero wacu.

Kuva ku ntango gushika kw’iherezo, Ubutumwa ku Mabande ni IMANA gusa kuri TWEBWE. Reka ubwo Bugingo bwibere muri TWEBWE. Ese yoba Amaraso yiWe atwoza. Ese yoba Mpwemu wiWe atwuzuye. Ese ryoba ari Ijambo ryiwe mu mitima yacu no mu kanwa kacu. Ese yoba ari imishishagu yiWe idukiza. Nabe Yesu, kandi Yesu wenyene. Si kubwo ibikorwa vy’ukugororoka, twakoze. Kristo niWe bugingo bwanje. Ubu Butumwa nibwo Bugingo bwacu, kuko ari Kristo.

Yooo, hariho amajwi menshi mw’isi, Ingorane nyinshi n’imitwaro bisemerera ngo vyitabweho, ariko ntihazigera habaho ijwi ngirakamaro kandi ribereye kwitabwaho nk’ijwi rya Mpwemu. Rero, “ Uwuri n’ugutwi, niyumve ico Mpwemu abwira amashengero.”

Imana Ifise Ijwi kubwo iki gihe. Vyagaragajwe n’inkingi y’umuriro ko ari Ijwi ry’Imana. Ntihazigera habaho ijwi NGIRAKAMARO KANDI RIBEREYE KWUMVIRIZWA nk’ijwi ryo kuri bande uyu munsi.

Nimuze mwifatanye natwe kuw’iyinga isaha zitandatu z’umuhingamo kw’Isaha y’I Jeffersonvillle( akaba ari isaha cumi na zibiri z’umugoroba mu Burundi). Dufise agasaho kose k’ivyandiko kuzuye Ubuki. Tuzogashira ku Rutare, Atari kw’ishengero iryo ari ryo ryose; ku Rutare, Yesu Kristo. Kandi mwebwe Intama mugende kurigata. Muzomererwa neza ubwo nyene. Ingorane zose z’ivyaha zizokamangana igihe murigase urwo Rutare. Ivyo nivyo mutegerezwa gukora, Ni muze mwumvirize Ijwi ry’Imana Ritubwira ivyerekeye, “ Igihe c’Ishengero ry’I Filadelifiya 60-1210.

MweneData Joseph Branham