All posts by admin5

24-1103 Igihe C Ishengero Ry I Perugamo

Ubutumwa: 60-1207 Igihe C Ishengero Ry I Perugamo

Ibimenyeshejwe Ibimenyeshejwe ku bijanye n’ugusobanura mu zindi ndimi bikorerwa muri Branham Tabernacle

Mukunzi Mugeni w’Inkumi Utakozweko,

Mbega mwararyohewe n’Ibihe Ndwi vy’Ishengero ? Imana Iriko iha umuvyuro Umugeni WaYo nk’uko bitigeze bibaho mbere. Iriko Iraduha Uguhishurirwa kurushirijeho, ukwizera kurushirijeho, n’ivyizigiro birushurijeho tumenya abo turi bo, n’ico turiko turakora mu kwitondera Ijambo, Inzira yaYo Yatanze y’iki gihe.

Ubu Itubwira Iti, « Kuva ku gikorane co kuw’iyinga, mwambare ivyiyumviro vyanyu vya Mpwemu. Mureke Mpwemu Yera Avyinjize kandi mufate ugukora kwa mpwemu mu vyo ngiye gukora vyose. Ni Ijambo RyaNje Ryagizwe Rizima na Mpwemu, Ryavuzwe n’umuhanuzi waNje wo muri Malaki 4.

Dusome kandi dufate bikeya vy’Amajambo YaYo maze dushire ivyiyumviro vyacu vya mpwemu kuri Yo.

Imana Yashizeho umurongozi waYo yuzuye Mpwemu kubw’umugwi waYo wuzuye Mpwemu, umumarayika waYo ; kandi Yamushizeko ikidodo c’izina ariko ntategerezwa kubihishura. Ategerezwa kuvyigumiriza, murabona, « Nta muntu arizi kiretse we ubwiwe. »

Rero Imana Yahaye Umugeni WaYo umurongozi yuzuye Mpwemu kubw’umugwi waYo wuzuye Mpwemu. UMURONGOZI ATARI ABARONGOZI kubw’umugwi waYo wuzuye Mpwemu.

Araje mw’isi vuba, umumarayika ahambaye w’Umuco azoza kuri twebwe, azodusohora, Mpwemu Yera Ahambaye, Azoza mu nkomezi kandi Azotuyoborera ku Mwami Yesu Kristo.

Umumarayika ahambaye w’Umuco. Ninde mumarayika ahambaye w’Umuco muri iki gihe ca nyuma ? William Marrion Branham. Ntavuga Mpwemu Yera. Yaramaze kuza kandi avuga ko azoza.

AZODUSOHORA. Turazi vy’ukuri kandi twizeye ko ari Mpwemu Yera Aturongora, ariko Ashira neza umumarayika waYo na Mpwemu Yera hamwe kandi Avuga (Mpwemu Yera) ko Azoturongora (BICIYE) ku mumarayika waYo ahambaye w’Umuco.

Abandanya kubafataniriza hamwe mu kuvuga :

Nkumbure ntazobimenya.

Ntavuga ko Mpwemu Yera Atazomenya uwo ari we, ariko intumwa mumarayika waYo wo kw’isi Yatoreye KUDUSOHORA.

Ariko azoba ari ng’aha muri iyi minsi. Azokora… Imana Izomumenyekanisha. Ntazotegerezwa kwimenyekanisha ubwiwe, Imana Izomumenyekanisha. Imana Izokwemeza abaYo.

Ubugira kandi Ntivugako MPwemu Yera Azoba ng’aha MURI IYI MINSI, ariko umumarayika waYo ahambaye w’Umuco kurongora Umugeni WaYo. Ntazotegerezwa kwimenyekanisha ubwiwe, Imana Izomenyekanisha umurongozi waYo ahambaye ku Mugeni WaYo Ubwiwe mu GUHISHURIRWA.

Muratahura igikorwa ca Mpwemu ? Murabona umumarayika w’Umuco uwo ari we Imana Yatoreye kurongora Umugeni WaYo ? Mbega baravuga ng’aha ko inkoni y’ubutware yahawe abandi barongozi ?

Ntuzokwigera uduga hejuru y’umwungere wawe. Uvyibuke gusa, murabona.

Mu gihe abandi bashobora kudatahura kandi badutwenga, ese ukuntu tunezerewe kandi dukenguruka vy’ukuri ko dufise Uguhishurirwa kwo kuvuga ko : WILLIAM MARRION BRANHAM ARI UMWUNGERE WACU.

Ubu mu gihe ubu butumwa bwose bwandikiwe “umumarayika” (intumwa y’umuntu), inshingano ihambaye cane hamwe n’ibakwe ry’igitangaza ni umugabane wiwe.

Ubutumwa bwandikiwe umumarayika waYo, hanyuma umumarayika waYo ayiha Umugeni ; si ku gikorwa c’Imana gusa, ariko UMUGENI WAYO WESE kandi buri kuma bande kubwa bose kugira ngo babwumvirize. Ntihashobora kwongerwako canke hakurweko, kandi ntibukeneye INSIGURO.

Araje vuba, kandi igihe Azozira Azoza kuri wewe ubwambere, kandi uzocibwa urubanza bijanye n’Ubutumwa Bwiza wigishije, kandi tuzoba abayoboke bawe.” Navuze nti, “Ushaka kuvuga ko njejwe aba bose ?” Yavuze Ati, “Umwe wese. Wavutse uri umurongozi.”

Igihe umunsi uhambaye w’urubanza uzozira, Azoza ubwa mbere ku mumarayika waYo w’Umuco kandi Azomucira urubanza ubwa mbere bijanye n’Ubutumwa Bwiza yigishije. Turi ABAYOBOKE BIWE. Ajejwe umwe wese muri twebwe mu gihe yatowe n’Imana kuba UMURONGOZI.

Ushire igikorwa cawe ca Mpwemu kuri ivyo.Tuzocirwa urubanza n’ivyo umumarayika w’Imana yavuze. Kubw’ivyo, ushobora gutakaza amahirwe yawe y’ubugingo budashira bijanye n’ivyo umuntu munaka avuga ko YAVUZE igihe ushobora kuvyumviriza bivuye kuri YO bidaciye ku ruhande ?

Ni gute umuntu ashobora kwizera ko hariho IGIKORWA C’IMANA GIHAMBAYE GUSUMBA IBIRI KUMA BANDE. Namba wizeye ivyo, canke waravyemejwe n’ivyiyumviro, vyoba vyiza usubiye kw’IJAMBO RY’INKOMOKO, kuko uzocirwa urubanza n’amajambo ari kuma bande. Itondere Ijambo nk’uko Ryavuzwe.

Ariko uyu muhanuzi azoza, kandi nk’uko integuza y’ukuza kwa mbere yasemereye ati, “Ng’uyu Umwagazi w’Intama w’Imana, Akura ivyaha vy’abari mw’isi,” niko nawe ata nkeka azosemerera ati, “Ng’uyu Umwagazi w’Intama w’Imana, Aje mu bwiza.” Azobikora, kandi nk’uko Yohana yari intumwa y’ukuri ku batoranijwe, niko n’uyu ari intumwa ya nyuma ku Mugeni Yatoranijwe kandi Yavyawe n’Ijambo.

Ninde azotwerekana ku Mwami Yesu ? Umumarayika wiwe ahambaye w’Umuco, William Marrion Branham.

Ni muze kuba Umugeni w’inkumi Atakozweko hamwe natwe mu gihe twumviriza intumwa mumarayika waYo ahambaye atuzanira Uguhishurirwa kurushirijeho, kuw’iyinga isaha zitandatu ku mutaga kw’isaha ya Jeffersonville (isaha imwe y’ijoro mu Burundi) mu gihe twumviriza Ubutumwa : Igihe c’Ishengero ry’I Perugamu, Ubutumwa Bwavuzwe kw’igenekerezo rya 7 kigarama, umwaka wa 1960.

MweneData Joseph Branham.

24-1027 Igihe C Ishengero Ry I Simuruna

Ubutumwa: 60-1206 Igihe C Ishengero Ry I Simuruna

Ibimenyeshejwe Ibimenyeshejwe ku bijanye n’ugusobanura mu zindi ndimi bikorerwa muri Branham Tabernacle

Mukunzi Mugeni Wuzuye Mpwemu Yera,

Hariho umugwi umwe wonyene w’abantu ; umugwi udasanzwe cane w’abantu, bashoboye kwumva ico Mpwemu Avuga muri iki gihe ca nyuma. Ni umugwi udasanzwe wakiriye Uguhishura kw’iki gihe. Uwo mugwi ni uw’Imana. Umugwi udashobora kwumviriza, si uw’Imana.

Umugwi ushobora, kandi wumviriza ico Mpwemu Avuga, uronka Uguhishura kw’Ukuri. Turi abafise Mpwemu W’Imana. Turi abavyawe n’Imana kandi babatijwe na Mpwemu Yera. Turi Umugeni WaYo Yuzuye Mpwemu Yaronse Uguhishura kw’igihe cacu.

Bisigura iki kuri twebwe Gufyonda Tukavuza ? UGUHISHURIRWA. Ni ukwumva, kwakira no kugumana n’Inzira Imana Yatanze y’iki gihe. Ijambo ry’Imana nyene umunwa ku gutwi ku Mugeni WaYo. Ni Mpwemu Yera Avugana n’imitima yacu n’ubugingo bwacu.

Turazi ko Imana Ikoresha abantu basizwe na Mpwemu waYo kugira Ivuge, ariko nta handi hantu ho kwumva Uko Niko Uhoraho Agize kiretse mu Gufyonda Kuvuza no kwumviriza IJWI ry’umumarayika ntumwa waYo, William Marrion Branham. Ni ryo Jwi ryonyene ryagaragajwe na Mpwemu Yera ubwiWe. Ni Ijwi ry’Imana, umuvugishwa n’Imana, umwungere w’Imana, kuri twebwe, no kw’isi.

Iyo avuga, tuvuga AMEN kw’Ijambo Ryose ; kuko ni Imana ubwaYo Ivugana natwe. Ijambo RyaYo ni Ryo Jambo Ryonyene Ridakeneye insiguro. Ni Imana Ikoresha ijwi ryiwe kuvugana n’Umugeni WaYo.

Ni Imana ubwaYo Itubwira Iti, « Bana baNje batoya, ntiMwantoye, ariko ni Jewe Nabatoye. Imbere y’uko habaho agace k’akavunguka k’inyenyeri, Ntaranamenyekana kuri mwebwe nk’Imana Yanyu, Narabamenye. Mwari mu vyiyumviro vyaNje, muriho mu vyiyumviro vyaNje vy’Ibihe Bidashira. Muri Umugeni WaNje w’ukuri w’Urubuto Jambo Ryavuzwe.

Naho mwari mu Vyiyumviro VyaNje vy’Ibihe Bidashira, Sinabavuze gushika ku gihe caNje cashinzwe kandi cagenywe. Kuko Namenye ko MWOBAYE umugwi waNje udasanzwe wogumanye n’Ijambo RyaNje.

Abandi bose barananiwe, ariko Namenye ko mutonaniwe.

Ndazi ko muhamwa kandi mutwengwa kuko mwagumanye n’umuhanuzi waNje, ariko muri Umuzabibu WaNje w’Ukuri Udaca ku ruhande rw’Ijambo RyaNje, kandi mwagumye muri ab’ukuri kandi abizigirwa ku muvugishwa waNje avuga Amajambo YaNje.

Hariho abandi benshi bigishijwe mu bwizigirwa, ariko iminsi yose ntibiga ukuntu bikenewe kuvuga gusa kuvyo Navuze biciye mu ntumwa yaNje.

Ese ukuntu dutegerezwa kwitondera kwumva ijwi RIMWE, kuko Mpwemu Afise Ijwi rimwe naryo ni Ijwi ry’Imana.Yooo, ese ukuntu bihambaye kwumva Ijwi ry’Imana biciye mu ntumwa zaYo, hanyuma rero zivuga ivyo zahawe kubwira amashengero.

Ijambo RyaNje Ryamye Riza ku muhanuzi waNje, ariko muri iki gihe, Mfise Ijwi RyaNje Ryafashwe amajwi ku buryo hatobaho AMAKOSA N’AMWE mu vyo Nabwiye Umugeni. Hari umugozi umwe w’icuma, igipimo kimwe, kandi ni IJAMBO Navuze biciye mu mumarayika waNje. Nko mu gihe cose, umuhanuzi waNje ni Ijambo ry’ico gihe.

Ayo mabande, ijwi ryiwe, ni ikete ry’urukundo kuri twebwe. Mu gihe umwansi adahengeshanya kudukubita hasi biciye mu bigeragezo vyacu n’imibabaro yacu n’ingorane, Yarungitse umumarayika waYo w’inkomezi kutubwira ko ata kintu na kimwe kiretse urukundo rutoranya rw’Imana kuri twebwe, rutwemeza ko Yadutoye kuko tutazonyiganyiga.

Intumbero yaYo ihambaye n’uko inyuma yuko twababaye akanya gatoya, Izotugira abatunganye, Idutsimbataze kandi Idukomeze. Yatubwiye ko n’Umwami Yesu Yatunganiye mu marushwa yiWe. Mbega umuhezagiro Yadusigiye. Kuko mu marushwa yacu, Yatwinjije mu gutungana.

Yubaka kamere kacu mu bigeragezo vyacu no mu mibabaro yacu. Kuko kamere kacu ntikabaho ata marushwa. Rero, amarushwa yacu ni INTSINZI kuri twebwe, si ingabire.

Dushobora kuYereka urukundo rwacu gute?

•Mu kwizera ivyo Ivuga.

•Kugumana n’Ijambo RyaYo.

•Kujana umunezero mu bigeragezo vyacu n’imibabaro yacu, Yo, Yemera ko bishika mu bwenge bwaYo buhambaye.

Ukuntu Iduza impwemu yacu mu kwumva Ijambo RyaYo. Ijwi RyaYo Riremesha ubugingo bwacu. Iyo dufyonda tukavuza maze tukaYumva Ivuga, imitwaro yacu yose iraremuruka. Ntidushobora no gutangura kwibaza ubuhe butunzi twabikiwe biciye mu mibabaro yacu yose.

Yooo, Mugeni Wa Yesu Kristo, ese ukuntu nezerewe kuba Umwe muri Bo hamwe n’umwe wese muri mwebwe. Mbega umunezero wuzuye umutima wanje kumenya ko Yaduhaye Uguhishurirwa kw’Ijambo RyaYo. Iyo Itubwira ko bizoba vyegeranye cane ku buryo vyohenda n’uwatoranijwe iyo biba bishoboka, Yaduhaye UGUHISHURIRWA KW’UKURI.

Ni muze, mwinjire muri Mpwemu hamwe natwe uno w’iyinga isaha zitandatu ku mutaga, kw’isaha ya Jeffersonville (isaha icumi na zibiri zo ku mugoroba mu Burundi) mu gihe tuzokwumviriza Ijambo Ritunganye : 60-1206 — Igihe c’Ishengero Ry’i Simuruna,

MweneData Joseph Branham.

24-0908 Kristo Yihishura mw’Ijambo ryiWe bwite

Ubutumwa: 65-0822m Kristo Yihishura mw’Ijambo ryiWe bwite

Ibimenyeshejwe Ibimenyeshejwe ku bijanye n’ugusobanura mu zindi ndimi bikorerwa muri Branham Tabernacle

24-0901 Kandi Ntavyo Uzi

Ubutumwa: 65-0815 Kandi Ntavyo Uzi

Ibimenyeshejwe Ibimenyeshejwe ku bijanye n’ugusobanura mu zindi ndimi bikorerwa muri Branham Tabernacle

Bakundwa BeneData na Bashikibanje,

Guma hafi ya Kristo. Reka ndabagabishe ubu, nk’umukozi w’Imana w’Ubutumwa Bwiza, w’ibi. Ntimwakire ubupfu ubwo ari bwo bwose, ntimwiyumvire ikintu ico ari co cose. Guma hariya gushika aho ibi vy’ibwina bimatanye n’Ijambo, ko uri neza na neza muri Kristo, kubera nico kintu conyene kigiye ku… Kubera, turi mu gihe c’ubuyobe tutigeze kubamwo. ‘‘Vyozimije Uwatoranijwe iyoba vyoshoboka,’’ kubera bafise ugusigwa, bashobora gukora ikintu ico ari co cose nka bo.

Data, Waratugabishije ko tuba mu gihe kizimiza mu bihe vyose. Izo mpwemu zibiri mw’isi zizoba ziri hafi na hafi, kugeza aho vyozimije uwatoranijwe, iyoba vyoshoboka. Ariko Imana ihabwe icubahiro, ntivyoshoboka ko tuzimira, Umugeni waWe; tuzogumana n’Ijambo ryaWe.Ubu turi Icaremwe cawe Gisha, kandi ntidushobora kuzimira. Tuzogumana n’Ijwi ryaWe. Tuzokwemera no kuguma kw’Ijambo ryose, tutaravye ivyo abandi bavuga. Ntayindi nzira kiretse Inzira yaWe Watanze; Uku Niko Uhoraho Agize ku ma Bandes.

Igihe Umuhanuzi waWe yari ng’aha kw’isi, yari azi akamaro k’Umugeni ko kwumviriza Ijambo ryose Ryavuzwe, nuko yahuje Umugeni waWe biciye ku buhinga bw’iterefone. Yadushize hamwe kw’Ijwi ry’Ijambo Ryavuzwe Ryagaragaye.

Yari azi ko ata gusigwa kwari guhari kurusha Ijwi ryaWe.

Kubiyunze ku muhora w’ino terefone, reka Mpwemu Yera ahambaye aje muri buri koraniro. Reka wa Muco nyene uva ku Mana duhanga ko amaso hano neza mw’ishengero, utibukire kuri buri umwe wese.

Ikintu cose Umugeni waWe akeneye kubw’Ukuza kwaWe caravuzwe, kirabikwa congera gihishurirwa Umugeni waWe biciye m’umumarayika waWe; iryo niryo Jambo ryaWe. Watubwiye nitwagira ikibazo nakimwe, tuje ku ma Bandes. Watubwiye ko William Marrion Branham yari Ijwi ryaWe kuri twebwe. Ni gute hoba ikibazo mu vyiyumviro vy’Umugeni waWe k’ukungene ari ivy’akamaro gushira Ijwi ryaWe nk’Ijwi ry’akamaro Ashobora kwumviriza? Ntagihari Mwami, ku Mugeni waWe.

Umuhanuzi waWe yatubwiye kubw’indoto aho yavuze ati, “Nzosubira guca muri iyo nzira ipfunganye ubugira kandi.” Ntituzi ico ivyo bisigura, ariko vy’ukuri Mwami, Ijwi ryaWe ririko Riraja mu nzira ntoya yo mu kirere ubugira kandi uno munsi, Rivuga, ryongera Rihamagara Umugeni waWe kw’isi yose.

Murahawe ikaze kuza kwifatanya natwe, Branham Tabernacle, Kuw’iyinga isaha zitandatu z’umuhingamo isaha ya Jeffersonville (isaha cumi na zibiri zo ku mugoroba mu Burundi), mugihe tuzoba turiko twumviriza ku mihora Ijwi ry’Imana Rituzaniye Ubutumwa: 65-0815 –“Kandi Ntavyo Uzi”.
MweneData Joseph Branham

Ivyanditswe vyo gusoma:

Ivyahishuriwe Yohana 3:14-19
Ab’i Kolosayi 1:9-20