Ntutinye mukundwa, Ndi kumwe nawe, buri segonda ya buri munsi. Ibi ni ivyo Nababwiye vyose vy’Integuro Yanje Ihambaye. Ubu, ni mwitegereze vyose bishikira imbere y’amaso yanyu nyene.
Kuri bo : Uwu ni umunsi mubi kuruta iyindi yose yo mu buzima bwacu ; ikintu cose coshobora kurangira ejo. Kuri Twebwe : Uyu ni umunsi mwiza uruta iyindi yose yo mu buzima bwacu ; ikintu cose coshobora kurangira ejo.
Icegeranyo gitoya c’imitwe y’amajambo makuru makuru muzokwumviriza kuw’iyinga. Mbega ni iki kizohuza Umugeni : Ijambo. Mbega Ijambo Riza kuri nde : Umuhanuzi Mbega umusiguzi ava ku Mana w’Iryo Jambo ni nde : Umuhanuzi Mbega Ijwi ry’Imana kuri mwebwe ni nde : Umuhanuzi Mbega tuzocirwa urubanza n’Amajambo ya nde : Ijambo ry’Imana Ryavuzwe na : UMUHANUZI.
Ibimenyeshejwe Ibimenyeshejwe ku bijanye n’ugusobanura mu zindi ndimi bikorerwa muri Branham Tabernacle
Bakunzi Ntama z’Imana,
Mbega ni ikihe kintu gihambaye coshobora kuba, twoshobora kuba turi abantu bagiriwe ibakwe ukungana gute, nko kuba imbere y’Umwami w’Abami, Uganza Abaganza ?
Muvyiyumvire gusa. Ukuba ng’aha k’Umwami w’Abami, Uganza Abaganza kuri hamwe natwe. Yaduhishuriye ko TWASHITSE. Turi ng’aha ! Ugihishurirwa Yaduhaye kuva ku Mana. Ni Ukuri. Turi Umugeni Ntama ziWe Yatoranije.
Abandi bashobora kuba badafise uguhishurirwa dufise kandi bavuga ko dutoranya abantu ku butoni; canke dusenga umuntu kandi atari Umwami Wacu. Mbega ukuntu bo ari impumyi. Namba ari uko biri vy’ukuri, rero Umugeni wa Kristo hirya y’igihuzu c’igihe nabo ntabwo ari ab’ukuri.
Igihe umuhanuzi yabona Umugeni aza yiruka kuri we kandi avuga ati, « mweneData w’igiciro », baramuguye munda kandi bamushize mu Kibanza co Hejuru. Iki… UMUGENI wa Kristo yariko aratoranya abantu ku butoni bw’ Umuhanuzi, mu kumushira mu Kibanza co Hejuru ? Mbega uriko uravuga ko boshobora kuba batakoze ivyo ?
Ni Ivyokurya vy’Intama z’Imana. Nta na kimwe congeweko, nta na kimwe gikuweko kandi nta na kimwe gisiguwe, ni IVYOKURYA VY’INTAMA binoboye neza kandi bitavanze. MweneData Joseph Branham.
Ivyanditswe vyo gusoma imbere yo kwumviriza Ubutumwa
Isi iri mu ruhagarara n’ubwoba. Bararindiriye, baraba bongera bibaza, ni ibiki bigiye gukurikira ? Mbega ejo habitse iki ? Ibi vyose bisigura iki ? Mbega Uburusiya bugiye gufata ubutegetsi ? Ni bite ku bijanye n’ubutunzi ?
Muri ico gihe, Umugeni ari mu MAHORO. TURARUHUTSE, twuzuye Mpwemu Yera, tuMwumviriza Avugira mu mumarayika wiwe ahambaye mu gihe Atubwira Ati : Ntimutinye ikintu na kimwe mwa busho botoya bwanje mwe, muri umukunzi waNje natoye. Muri :
Ni muze dukoranire hamwe n’Umubiri Umwe Uhambaye Wa Kristo isaha zitandatu kw’isaha y’i Jeffersonville [Isaha imwe yuzuye mw’ijoro i Burundi], mu gihe tuzokwumviriza : Agashashara ka Gatanu, Ubutumwa bwavuzwe kw’igenekerezo rya 22 ntwarante umwaka wa 1963. Nta kwibaza, si ukwizigira, ariko MURAZI yuko mwumviriza NIKO UHORAHO AGIZE itavanze iva mw’Ijwi ry’Imana ryo mu gihe cacu.
MweneData Joseph Branham.
Ivyanditswe vyo gusoma imbere yo kwumviriza Ubutumwa :
Ibimenyeshejwe Ibimenyeshejwe ku bijanye n’ugusobanura mu zindi ndimi bikorerwa muri Branham Tabernacle
Mukunzi Mugeni Wakabuwe, Igihe umunsi w’Ubutumwa waza, twese twari mu nama imwe, ahantu hamwe, kw’isi yose, aho giturumbuka haza igihinda kivuye mw’Ijuru, nk’uguhuhuta kw’umuyaga w’inkomezi. « Mwiriwe, bagenzi. Ni muze duhaguruke ubu akanya gatoya kubw’isengesho. » Mpwemu Yera Yuzuye amazu n’amashengero yacu yose aho twari twicaye, hamwe no kuba ng’aho kwiWe.
Rero ubushobozi bw’Uguhishura kw’Ijambo kwatanguye kuduha ugukaburwa kw’umunezero, ugukaburwa kw’uguhazwa, ugukaburwa ko vyagaragaye, vyemejwe ko turi Umugeni Mukundwa wa Yesu Kristo Yatoranijwe.
Turindiranye igishika cinshi ko iyo Mituragaro Indwi Itwumvisha amajwi yaYo kuko turazi ata gukekeranya na gatoya, ko turi urya mugwi wafashe Ijambo ry’Imana. Tuzomanyagura kandi tuzokebesha Ryo. Dushobora kwugara amajuru, dushobora kwugara ibi, canke gukora biriya, ico dushaka cose. Umwansi azokwicwa n’Ijambo Rivuye mu kanwa kacu, kuko Rikarishe gusumba inkota y’ubugi bubiri. Twoshobora no guhamagara amamiriyaridi abiri y’amatone y’isazi namba tuyashaka. Ico TUVUGA ico ari co cose, kizoshika, kuko ni Ijambo ry’Imana Riva mu kanwa k’Imana.
Ibimenyeshejwe Ibimenyeshejwe ku bijanye n’ugusobanura mu zindi ndimi bikorerwa muri Branham Tabernacle
Mukunzi Mugeni Nkumi, Narasenze kandi nasavye Umwami ico Yashaka ko nandika kandi mvuga coshobora mu buryo bunaka kuba umuhezagiro n’indemeshanyo kuri mwebwe, Umugeni wiWe. Simfise amajambo, kandi sinzi ico novuga. Numva ntabereye na gatoya no kwandika aya majambo makeya nandika, ariko ni icubahiro gihambaye c’ubuzima bwanje co kuMukorera ico ari co cose.
Nizeye ko igihe co kwumviriza utu Dushashara Indwi gitunganye rwose. Dushobora kubona integuro ihambaye y’Imana ihishuwe kandi igaragariye imbere yacu. Ubutumwa ku Butumwa bucika Uguhishura ku Guhishura guhambaye. TuMubona Atwihishurira ubwiWe kandi Aturongora. Turazi ko dukora neza na neza ico Yatubwiye gukora “kugumana n’Ijambo.” Nta buryo buhambaye bwo gukora gusumba Gufyonda Tukavuza.
Numva umuhamagaro Yashize ku mutima wanje ari ukugumya ubu Butumwa. Ijwi ryiWe, aya mabande imbere yanyu iminsi yose; kubasigurira akamaro ko kwumviriza amabande. Ndazi ko ntashobora kubitanga uko bikwiye, ariko NDAZI ko ndi mu kuri mu kubabwira nti “Fyonda Muvuze,” mu gihe atari ivyiyumviro vyanje, ivyo nibaza canke amajambo yanje, ariko Amajambo y’Imana ubwaYo Ivugira mu ntumwa mumarayika w’indwi, atubwira ati :
Rimwe na rimwe iyo dusoma gusa, kandi, ubu, mwiyubare. Kandi igihe dusoma, turonse amabande, muyumvirize neza. Nuko, muzobironka ku ma bande, kuko barasubiriye kwumviriza ayo ma bande, kandi mu vy’ukuri ni meza kandi aroroshe. Kubw’ivyo, muzobitahura neza kurushiriza.
Nk’uko navuze kenshi cane mbere, sindwanya igikorwa c’Imana canke ico ari co cose Imana Yashize mw’ishengero ryaYo. Ico coba kigiye kurwanya Ijambo ry’Imana. Nizeye ko basizwe kandi bahamagawe n’Imana. Ariko nizeye ko kwumviriza no gushira Ijwi y’Imana nyene imbere y’abantu gitegerezwa kuba ikintu c’ingirakamaro kuruta ibindi umuntu wese yahamagawe n’Imana yoshobora gukora.
• Nta gusigwa guhambaye gusumba kwumviriza Ijwi ry’Imana kw’ibande. • Uguhishura kwose gutegerezwa kuva muri rirya Jwi. • Izamurwa mu kwizera dukeneye, rizova muvyo rirya Jwi Rivuga.
Umukozi w’Imana uwo ari we wese yoshobora gute kudashaka kwumviriza rirya Jwi, hamwe n’ishengero ryabo, hanyuma akavuga AMEN KW’IJAMBO RYOSE?
Umwe wese ategerezwa kugira ikintu kinaka yumva kandi yizeye ko ari ikintu C’INGIRAKAMARO GUSUMBA IBINDI ashobora gukora kugira ngo abe Umugeni wa Kristo. Ikintu kinaka gitegerezwa kuba NGIRAKAMARO GUSUMBA IBINDI VYOSE c’Imana n’ubugombe bwaYo butunganye. Mbega n’ibango ry’umwungere wawe ? Kwumviriza abandi bakozi b’Imana ? Simvuga ko atari vyo, mu buryo na bumwe, kandi ivyo ni vyiza cane bijanye n’Ijambo, ariko urizera ikintu c’INGIRAKAMARO GUSUMBA IBINDI ko ari ukwumviriza Ijwi ry’Imana kw’ibande Ryemewe ?
Namba ivyo ari vyo wizeye ko ari ikintu c’INGIRAKAMARO gusumba ibindi woshobora gukora, rero ni kuki umukozi w’Imana adashaka kuvuza no kwumviriza UBWO BUTUMWA BUTUNGANYE BW’INGIRAKAMARO GUSUMBA UBUNDI hamwe n’amakoraniro yabo ?
Mwibaze ubwanyu iki kibazo, canke mubaze umwungere wanyu : Mbega mwizeye ko iri jambo ari iry’ukuri, canke ari ikosa n’ukudatahura gusa kwa mweneData Branham, canke kugerageza kwiyerekana ?
Namba mwizeye ko iri jambo ari iry’ukuri, kandi kuri mwebwe ari IJAMBO RY’IMANA, Ijambo Ryagaragaye Ryihaye umubiri, rero ni gute uwo ari we wese yoshobora kutabona ko ata KINTU NA KIMWE C’INGIRAKAMARO GUSUMBA IBINDI nko kwumviriza rirya Jwi.
Ni wikangure nkumi isinziriye, canke ufise uku Guhishura canke uri nk’uko yavuze : « gusa ntuRyizeye na gatoya. »
Nk’uko umuhanuzi yatubwiye, turi Igitabu gishasha c’Ivyakozwe n’Intumwa, rirya Shami Rishasha, Abatoranijwe. Rero, benshi bumva ko Mpwemu Yera ubu Aturongora nk’abantu ku giti cabo, canke Aturongoza igikorwa c’Imana atari mu muhanuzi wiWe.
Ni nk’umuntu w’u—w’umufundi w’amatelefone, si umufundi w’umuyagankuba neza. Yoshobora kuhakora akazi gatoya. Kandi nk’uko, namba umuntu ajejwe intsinga z’amatara yemwe ata nkeka a… Umuntu ni umwimvyi w’ibinogo vy’inkingi, kandi atigeze akora igikorwa na kimwe c’amatara, vyoba vyiza agumye kure y’amatara; ariko yoshobora gukora igikorwa gitoya co gusanasana canke ikintu kinaka.
Ariko igihe Ikintu nyaco gitegerezwa guhishurwa mu gihe c’iherezo, canke igice ca nyuma c’Ishengero, ni ho Imana Yavuze ko Yoturungikira, bijanye n’Ivyanditswe. Kandi twarabirondeye kandi dusesangura, ko Yavuze mbere y’igihe ko Mpwemu wa Eliya yogaruka mu muntu munaka.
Igihe umuntu munaka agerageza gukara no kutubwira ati, “hakenewe ibindi gusumba kwumviriza gusa amabande. MweneData Branham ntiyigeze avuga kuvuza amabande mw’ishengero. Hazokenerwa umukozi w’Imana wo gutunganya Umugeni,” canke ico ari co cose umuntu uwo ari we wese yoshobora kubabwira, kugerageza no kubatuma mukekeranya kurya kwumviriza Ijwi ry’Imana Ryemewe Riri ku ma bande mw’ishengero si vyiza…
Namba bavuga ko bizeye, “Ubu Butumwa ni Ijambo. William Marrion Branham ni intumwa mumarayika w’Indwi y’Imana. Ubu Bubumwa ni Icishimikizo Ntanyiganyizwa cabo. Ubu Butumwa ni Umwana w’Umuntu Yihishura ubwiWe mu mubiri nk’uko Yasezeranye ko Yobikoze…”
Neza nko gufata urukwavu maze ukarurekurira mu ruzitiro, kandi wazibiye imyenge yose. Guma ku muryango gusa; rutegerezwa kugaruka. Ni ivyo vyonyene. Warwugaraniyemwo. Murabona? Ruzotegerezwa kugaruka ku muryango ubugira kandi, kuko ni bwo buryo bwonyene rushobora gusohoka. Ruzocumita umutwe warwo ng’aha, kandi ruzohakwa kuvuna izosi ryarwo; no kuja hariya, hariya. Hagarara gusa maze urwitegereze, kandi ruzogaruka ubwo nyene. Murabona. Ni ivyo gusa.
Ni mugumane n’Inyigisho zo kw’Ibande. Muvuge gusa ico amabande avuga. Ntimuhindure Ijambo Rimwe. Ntimwongereko, canke mukureko Ijambo. Ni Ijwi ry’Imana kuri mwebwe. Ni Ijambo Ryihinduye umubiri. Ni Amajambo yo kutihenda. Ni umwungere wanyu. Umumarayika wiWe ariko arabarongora. Ni Niko Uhoraho Agize.
Mu gihe cose turi muri rirya Jambo, turi mu mutekano.
Ni muze dutegure amatara yacu kandi tuyuzuze Amavuta kuri uyu w’iyinga isasita kw’isaha y’i Jeffersonville (isamoya y’ijoro kw’isaha y’i Burundi), mu gihe umumarayika Yatoranijwe n’Imana azoturagara kandi akamena Agashashara ka Gatatu, ubutumwa bwavuzwe kw’igenekerezo rya 20 ntwarante umwaka wa 1963, maze akagahishurira Umugeni waYo. MweneData Joseph Branham.
Vyarahishuriwe ibwina mu mitima yacu y’uko Ijwi twumviriza kuri bande ari Umwana w’Umuntu yihishura Ubwiwe. Iryo Jwi Ryaratubwiye riti : Guma ng’aha, itegereze ibi bifungurwa bishinguwe Nashize ku mabande ku bwanyu. Namba mufise ibibazo , nimwisunge aya mabande . Bishobora kuba ari ibibazazaniye gato, ariko nimuvuze ibande maze mwumvirize mu bwitonzi . Namba uri Umugeni , Mpwmeu Yera Azobiguhishurira. Mwibuke , aya mabande ntakeneye insobanuro, vuga gusa ibiri ku mabande . Ndi umwungere wanyu, kandi muri ubusho buto bwanje , gumana n’inyigisho zo kuri bande.
Ndazi benshi ntibatahura ivyo turiko turakora mu kwumviriza Ubutumwa twese mu mwanya umwe, ariko ivyo ni vyiza, baracari BeneData na Bashiki bacu kandi turabakunda, ntitwonigera tubarwanya. Umwe wese ategerezwa gukora nk’uko arongowe n’Umwami gukora . Imana Irakora kandi Irongora abantu ku giti cabo.
Umuhanuzi yatubwiye y’uko dutegerezwa gusuzumisha Ijambo ikintu cose, kandi kikagaragazwa n’Ijambo, ariko nk’uko yabikoze. Ijambo ry’uno munsi ryamye , ari Bibiliya . Bibiliya itubwira y’uko mu minsi ya nyuma,ko Yohishuye ivyahishijwe n’amabanga yose ari muri Bibiliya Yiwe kubwo Umuhanuzi Azorungika. We ubwiwe azovuga biciye muri uyu muhanuzi kandi yigaragaze ubwiwe mu mubiri nka kurya yabikoze kuri Aburahamu. Ijambo ryiwe ntirizoba amajambo y’umuntu , ariko Rizoba amajambo y’Imana ubwayo. Rizoba ari NIKO UHORAHO AGIZE, hanyuma Bibiliya n’iryo Jwi bizoba ari kimwe, kandi co kimwe.
Hariho ubwina buhamagara ubundi bwina mu mitima yacu mu kwumviriza iryo Jwi ryagaragajwe. Dushaka kwumviriza Ijwi ry’Imana neza na neza Rivuye ku muhanuzi wayo yahisemwo.Hariho urukundo mu mitima yacu mu kwumviriza iryo Jwi no kunezerwa hanyuma dutegerezwa kumenya y’uko tutabwirizwa kwibaza ku kintu cose twumviriza, ariko dutegerezwa kwizera IJAMBO RYOSE.
Muze kwifatanya natwe mu gihe Imana Izoba Iriko Iravugana natwe umunwa ku gutwi kuri uyu w’iyinga kw’isaha zine zo mugatondo, kw’isaha ya Jeffersonville(ari zo saha cumi n’imwe mu Burundi), kandi tuzokwumviriza : Imana Yihisha mu biciye bugufi , hanyuma Ikihishura ubwayo muri ivyo nyene 63-0317M.
Kwumviriza Ubutumwa tuzotangurira ku gace ka 94, inyuma y’igikorwa co gushikanira Imana urushengero MweneData Joseph Branham
Ibimenyeshejwe Ibimenyeshejwe ku bijanye n’ugusobanura mu zindi ndimi bikorerwa muri Branham Tabernacle
Bakundwa Rusengero rw’Imana,
Ubu Butumwa nta kagero bugira mu bushobozi. Buratunganye ubwaBwo. Niryo Jambo rya nyuma ku bintu vyose. Ku Mugeni nta kindi kintu uretse iryo Jwi ryafashwe kuri bande. Ni Ubutumwa bw’igihe bw’Imana Bwemejwe. Ni Icishimikizo Ntanyiganyizwa cacu.
Turi mu rugendo tuja mu Gihugu c’Isezerano, turongowe na Mpwemu Yera, Inkingi y’Umuriro. Imfungurwa zacu za Mpwemu zaregeranijwe kugira ngo zidufashe mu rugendo rwacu. Ivyo dukeneye vyose vyaratanzwe.
Dawidi yarateguye cane, imbere y’urupfu rwiwe, ibintu vyose vyari bikenewe vyo kwubaka inzu y’Umwami. Yategetse ko yategerezwa kuba iteye igomwe vy,akaburarugero, ari rurangiranwa kandi y’ubwiza, mu bihugu vyose.
Hanyuma avugana na Salomo, maze amuha ivyo vyose yari yateguye vyo kwubaka Ingoro y’Umwami. Yamuhaye umuderi w’urubaraza, n’uwamazu. Uw’ubushinguro, ivyumba, ivyumba vy’imbere hamwe n’ikibanza c’umutemere wo guhongerako.
Inyigisho z’abaherezi n’Abalewi, hamwe n’ivyerekeye igikorwa cose co mu nzu y’Umwami. Yaranamuhaye ibikoresho vyose vy’igikorwa co mu nzu y’Umwami. Izahabu n’ifeza kubw’ibikoresho vya buri gikorwa. Uburemere bw’izahabu n’ifeza kuri buri giterekwa ko amatara. Izahabu n’ifeza ya buri meza y’umutsima w’ibiterekerwa, ivyuma, uturende, amakarabo n’imibehe.
N’urugero rw’izahabu iramuye yo kuzokoramw’ igicaniro co kwoserezakw imibavu; amuha n’icitegererezo c’umukogote w’izahabu, ari wo bishushanyo vy’abakerubi bashanje amababa bagatera igitutu isandugu y’isezerano ry’Uhoraho.
Ariko mu gihe cacu, Imana Iriko Irubaka iyindi Nyubako, Umugeni waYo. Iyi Nyubako ntizosamburwa, ariko izobana naYo Ibihe Bidashira. Yarateguye kandi Yaregeranije vyinshi ku bintu vyose bikenewe mu kwubaka Iyi Nyubakwa yaYo nshasha.
Ubumana, Uruvyaro rw’Inzoka, Amayinga Mirongo Indwi za Daniyeli, Ibihe Ndwi vy’Ishengero, Udushashara Ndwi, Kumenya Umunsi Wawe, Kurongora no Kwahukana, Ugukurwako Umwitwikiro kw’Imana, Ikimenyetso, Icishimikizo Ntanyiganyizwa, Abasizwe, Imfungurwa za Mpwemu, Kristo ni Ikinyegezwa, n’izindi amajana n’amajana, zitegerezwa gukurikizwa neza na neza.
Yaregeranije ibintu vyose dukeneye, ariko dutegerezwa gukurikiza umuderi neza na neza, ata guhindura akadome kamwe canke umutwe w’igisomwa umwe.
Rero, ibi nivyo mvuga muri kino gitondo, ni ukwegeranya Imfungurwa.. Kwegeranya Imfungurwa, kugira ngo muzobe mufise ivyo mufungura, kugira ngo muzobe mufise ivyo mugirira ko umunsi mukuru. Birondere ku ma bande yanyu. Mwicare mu cumba ahapfutse. Nkumbure, ninamara igihe naragiye, muzoguma mwibuka ko ibi bintu ari ukuri. Icara mu cumba canyu mwumvirize, Murabona ? Kandi izi ni Imfungurwa, turiko turegeranya, mu kigega.
Yavuze yuko muri urwo rusengero yiyumva ari i muhira kuruta ahandi hantu hose. Niho hari ahantu Imfungurwa zategerezwa kwegeranirizwa.
Hanze mu bikorane aho nja, ntimwigera mwumva nigisha ubu Butumwa. Oya, narabemereye, kuza muri iyi nyubako. Aha nyene niho nigishiriza Ubutumwa bwanje. Ndafise ubundi butatu canke bune ng’aha, Umwami Yampaye, ndafise Ivyanditswe vyerekeye ivyo, ku buryo ntokwubahuka kuvyigishiriza ahandi atari hano. Aha niho Ijambo Ry’Imana Ryatanguriye kugenda. Rero, kugeza Imana Ibihinduye, nzoguma aha nyene kandi ndabisohorere aha nyene. Ni vyo.
Namye mu masengesho kandi numva Umwami Ariko Aturongora gukurikiza Ubutumwa We n’umuhanuzi wiWe begeranije mu Kigega ciWe kugirango hubakwe Umugeni wiWe.
Tuzobandanya gukurikira umuhanuzi wiWe mu gihe twumviriza : Mugenzi, Iki Ni Ikimenyetso c’Iherezo ? 62-1230E. Ndipfuza kubatumira kwifatanya natwe ku munsi w’iyinga isaha zine zo mu gitondo,mu masaha ya Jeffersonville⁽ari zo saha cumi n,imwe zo ku mugoroba mu Burundi₎ kugira ngo mwumvirize izi Mfungurwa zateguwe kandi zikegeranywa mu buryo budasanzwe, zizobubaka zikabagira Inyubako y’Umwami.