24-0114 Uri Muri Mwebwe

Ubutumwa: 63-1110E Uri Muri Mwebwe

Kuvoma Ubutumwa

Ibimenyeshejwe Ibimenyeshejwe ku bijanye n’ugusobanura mu zindi ndimi bikorerwa muri Branham Tabernacle

Bakunzi Bizera b’Ukwizera gutunganye,

Buri munsi imitima yacu idundadundana ivyitezwe bihambaye. Turindiriye igihe ko gishika c’ukuza kwiwe kuri hafi. Ubwoba bwose bwarakamanganye. Nta kwibaza tuti, “ Turi Umugeni wiwe”? Vyashinze inanga mu mitima yacu gusumba mbere, TURI UMUGENI WIWE.

Twarashitse ahantu ho mw’Ijuru, twumviriza ubutumwa bwa Yesu Kristo, Yambaye umubiri mw’Ishengero ryiWe. Ubu Butumwa vy’ukuri bwemejwe n’Ijambo ry’Imana, Ntiyoshobora kuba umuntu, Itegerezwa kuba Imana ivugana n’Umugeni wayo umunwa ku gutwi.

Turizera yuko Atari umuntu avugana natwe kuri izi Bande, ni Imana.

Ivyo ndiko ndageregeza kuvuga, “ Ntimutakaze icizere canyu.” Ntimureke Satani ngo ababwire ikibi kuri jewe; kuko, hariho vyinshi. Ariko gumana ico cizere; kuko mutagifise , ntibizoshika. Ntimundabe , nk’umuntu; ndi umuntu, mfise amakosa menshi. Ariko hanga amaso kubiMwerekeye. NiWe. Ni Wa wundi.

Mutegerezwa kugira icizere no kwizera ivyo IVUZE BITARI UKO NTIBIZOSHIKA. Ntitwitegereza umuhanuzi w’Imana nk’umuntu, nk’uko abenshi bibaza ko ariko tubikora. Turi inyuma y’igihuzu c’umubiri w’umuntu, kandi ivyo tubona vyose n’ivyo twumva ni Imana iba iriko ivugira mu kanwa k’umuntu maze TUKAGIRA ICIZERE NO KWIZERA BURI JAMBO.

Ukwo nikwo guhishura kwa Yesu Kristo muri iki gihe. Kwizera ari Imana, Atari umuntu avugira kuri aya mabande. Asangwa uhushije ibi , mugenzi, uba uhushije Ubutumwa bw’igihe kandi ntushobora kuba Umugeni.

Satani yishirira kuri ivyo insobanuro yiwe, kandi ibice mirongo icenda n’icenda kw’ijana avuga Ubutumwa nka kurya yabikoze kuri Eva, ariko yari yategetswe kugumana n’Ijambo, ivyo Adamu yamubwiye nivyo Imana yari yaravuze, atari ivyo umuntu uwo ari we wese yavuze vyasigura. Yategerezwa kugumana n’Ijwi ry’Imana.

Iki ni igihe gihambaye isi itigeze imenya. Ubuzima bwa Yesu Kristo, yabayeho maze akihishura ubwiwe mu buzima bw’umuhanuzi wiwe, ubu ariko abana natwe mu mubiri, Umugeni wiwe.

Turiko turakora neza na neza ivyo yadutegetse gukora : Gumana n’Ijambo mukugumana n’Ijwi ry’Imana ku mabande. Ni ivugabutumwa rya Bande n’umugambi w’Imana kubwo iki gihe.

Asangwa vy’ukuri wizeye ko William Marrion Branham yari Intumwa mumalayika w’indwi yatoranijwe n’Imana , uwo Imana yahisemwo kugira avuge kandi ahishure amabanga yose yari yaranyegejwe mw’Ijambo, Ijwi ry’Imana kuri uru runganwe, umuntu yarafise ukwizera guhebuje, uwo umumalayika w’Umwami yabwiye ati, « Niwatuma abantu bakwizera, nta kintu na kimwe kizohagarara imbere y’amasengesho yawe » Rero uwu w’iyinga azoba ari umusi w’ikete ritukura gusumba iyindi minsi.

Nta kindi kintu gishobora gukura uku guhishurirwa kw’Ubu Butumwa muri twebwe, NTA NA KIMWE. Ntitwoshobora NA RIMWE kubikekeranya. Namba yarabivuze, turavyizera. Turashobora kutobitahura vyose, ariko turavyizera uko biri kwose.

Yesu ubwiwe yatubwiye ati, « Uwuri muri mwebwe aruta uwuri mub’isi. » Reka ivyo vyinjire mu mitima yanyu. Mpwemu wiwe aba muri twebwe. Twoshobra gutahura ivyo ? Ubu , mu gihe muriko murasoma iri kete, Mpwemu Yera, Imana ubwayo, Inkingi y’umuriro, iri kandi igerereye muri twebwe ? Mbega tumenya gute ko ivyo ari ukuri ? IMANA NIKO YAVUZE !

Satani yama atubwira ko turi abananiwe. Kandi ari mu kuri, niko turi. Atwibukije ko tutari aho twotegerejwe kuba mw’Ijambo. Ubugira kandi, siho turi. Dukora ibintu tuzi neza ko tutotegerejwe gukora, Duharire Mwami, ari mu kuri.

Ariko hamwe n’amakosa yacu yose, intege nke zacu zose , ukunanirwa kwose kwacu, ntibihindura ukuri, TURI UMUGENI, TURIZERA BURI JAMBO !

Ntituriko twiraba ubwacu canke ikintu twoshobora gukora, dufise akajagari, Turazi ko yaduhisemwo hanyuma aduha uguhishurirwa kw’Ijambo ryiwe kandi nta kintu na kimwe codutwara ukwo guhishurirwa. Bimase mu mutima no mu mushaha wacu.

Yatubwiye ko dutegerezwa kugira UKWIZERA GUTUNGANYE, turakeneye Mwami , UKWIZERA GUTUNGANYE mw’Ijambo ryawe. Turafise ukwizera kw’ivyo umuhanuzi wawe yavuze ko ari Niko Uhoraho Agize. Si Ijambo ryiwe, ariko ni Ijambo ryaWe kuri twebwe.

Umuhanuzi wawe yatubwiye ko ivyo dukeneye vyose, nitwizera hanyuma tukagirira ukwizera Ijambo ryawe, turashobora kuronka ivyo dukeneye vyose. TURIZEYE.

Mwami, hari ico nkeneye, ndaje imbere yawe n’ukwizera kwose mfitiye Ijambo ryawe, kuko ntirishobora kunanirwa. Ariko uyu munsi, Mwami, sinje gusa imbere yawe hamwe n’ukwizera kwanje, ariko mfise n’ukwizera wahaye Intumwa mumalayika w’indwi wawe w’inkomezi.

Ewe Mwami Mana, ndagusavye utugirire imbabazi. Kandi ese buri mugabo n’umugore bicaye hano, bafise indwara canke umubabaro ; kandi nkuko Mose yitaye ubwiwe hagati, kubwo abantu, iri joro, ndambitse umutima wanje imbere yawe, Mwami. Hamwe n’ukwizera kwose mfise, kuri muri wewe, yuko wakumpaye ngo ndakubahe.

Kandi mvuze : ukwo mfise, ndaguhaye iri koraniro ! Mw’Izina rya Yesu Kristo w’Inazareti, irukana indwara yawe, kuko uwuri muri wewe arahambaye cane gusumba umurwanizi ariko aragerageza gutwara ubuzima bwawe. Muri abana b’Imana. Muri abacunguwe.

Birarangiye, Ijambo ryiwe ntirishobora kunanirwa. Ivyo dukeneye vyose, turashobora kubironka.

Ingo mwifatanye natwe kuw’iyinga isaha zitandatu z’umuhingamo, kw’isaha ya Jeffersonville, mukwakira uwu muhezagiro uhambaye hamwe n’ugusirwa kuvuye ku Mana mu gihe igice c’Umugeni azoba akoranye kw’isi yose yumviriza Ijwi ry’Imana rishira UKWIZERA kwiwe hamwe n’UKWIZERA kwacu.

MweneData Joseph Branham

Uwuri muri mwebwe 63-1110E