22-0529 Ukwizera Gushitse

Ubutumwa: 63-0825E Ukwizera Gushitse

Kuvoma Ubutumwa

Ibimenyeshejwe Ibimenyeshejwe ku bijanye n’ugusobanura mu zindi ndimi bikorerwa muri Branham Tabernacle

Mukunzi Mugeni w’Ukwizera Gushitse,

Ubugira kandi, mbona ko bidashoboka gushira mu majambo ico ubu Butumwa, amakete y’Urukundo y’umwihariko y’Imana, yanditswe n’Amaraso yiWe, yavuzwe n’Ijwi ryiWe, Busigura kuri twebwe. Ikindi kintu cose ntaco kivuze. TuraMukunda kuva ibwina mu mutima wacu kandi Vyaduhaye Urukundo Rushitse rwaYo. Nta na kimwe gishobora kudukura kuri iryo Jambo. Nta kundi kunyurwa mu buzima bwacu nko kuMwumviriza Avugana natwe nk’Umugenzi ku mugenzi.

Nta n’ubwo ari twebwe, ni We Aba muri twebwe, Yihamagara ubwaYo. Ni ubwina buhamagara ubundi bwina. Umunezero mwinshi wo gufyonda tukavuza no kwumviriza Imana Ikoresha ijwi ry’umuntu mu kutubwira, ko turi abatoranijwe baYo. Itubwira ko Idukunda imbere y’itanguriro y’isi; kuko Yamenye ko twoYikunze hamwe n’ivyari muri twebwe vyose, kandi ko twogumye turi abizigirwa kuri Yo no kw’Ijambo ryaYo.

Ico twakeneye cose, Yarakiduhaye. Nta na kimwe kibuze. Yari Ifise Ijambo ryaYo ryanditswe mw’ishusho ry’inyuguti kandi YaraRizigamye imyaka ibihumbi ku buryo Yashobora kutubwira Urukundo rwose rwari mu mutima waYo.

Hanyuma urukundo rwaYo rwabaye n’uruhambaye birushirije kuri twebwe mu gihe Yatubwiye Iti, “Nzoza mu mubiri ubugira kandi maze Mvugane namwe umunwa ku gutwi ku buryo hatazoba ukudatahura, uruzazane, ugukenera insiguro. Nzofata umwanya waNje maze Ngaragaze Urukundo rwaNje kuri mwebwe, kandi muzoshobora kurwumva musubire murwumve mwongere murwumve ubugira kandi. Nshaka ko mumenya, ko Data Ari muri Jewe, Ndi muri mwebwe, muri muri Jewe, turi UMWE. Umubiri wanyu ni Umubiri wanje, igufa ryanyu ni Igufa ryaNje, impwemu yanyu ni Mpwemu YaNje.

Nzobabwira ibiri mu mutima waNje vyose ido n’ido. Nzobigaragaza neza ku buryo muzomenya ata gukekeranya, ko Amajambo Nanditse kandi Navuze ari Ayanyu, kandi Ntazokwigera Atsindwa.

Nzobaha Ukwizera Gushitse, kandi Kuzoba Umutware w’ibishika vyose. Ico umwansi avuga cose, Kuzokiganza mu gihe mufise Ukwizera Gushitse muvyo Ijambo Rivuga ko muri. Ico umwansi agerageza kubabwira, nta n’ubwo mumwumviriza. Amatwi yanyu yarapfuye ku kindi kintu ico ari co cose kiretse ico Mpwemu Wanje Yamaze kubabwira. Kimase mu mitima yanyu, kandi nta na kimwe kizokwigera kibatuma muva kuri ivyo.

Ukwo Kwizera Gushitse dufise mu kumenya ko ubu Butumwa ari Uko Niko Uhoraho Agize, dushira uko KWIZERA GUSHITSE nyene kw’isezerano ryose Yatubwiye ko ari iryacu mw’Ijambo ryaYo. Namba turwaye kandi dukeneye ugukira, ni iryacu. Namba dukeneye ico ari co cose, dushobora kukironka, kuko twabaye abasizwe na Mpwemu WaYo. Turi ba mesiya baYo basizwe b’igihe c’iherezo, berekana ukuzuka kwa Yesu Kristo.

Ni ikintu c’urukundo mu gihe Yisutse ubwaYo muri twebwe. Twacitse Umwe hamwe na Yo kubw’ariya Mazimano y’Ubukwe Ahambaye. Mpwemu Wayo Ari ng’aha hamwe natwe no muri twebwe. Dufise ikintu kimwe gusa co gukora, ni ukuvyizera, ni ukuvyakira.

Ntituri intumwa mumarayika w’indwi waYo, ariko turi abahungu n’abakobwa baYo. Ibiganza vyacu ni Ibiganza vyaYo. Twizeye ibivugwa kw’ibande ko ari Uko Niko Uhoraho Agize. Ni Ijambo Rizima.

Umuhanuzi waYo ni umwungere wacu. Mu gihe twumviriza Ijambo Ryafashwe kw’ibande, twizera ko ari Imana Ivugana natwe Idaciye ku ruhande. Dufise Ukwizera Gushitse kwo kuvyizera.

Mu gihe dukoraniye hamwe kw’isi yose kugira ngo twumvirize Imana Ivugana natwe mu nzira y’umuhanuzi waYo, ukwizera kwacu kurushiriza kuduga kwongera kuduga mu gihe Imana Ishira Umugeni Wayo hamwe kw’Ijambo ryaYo Ryagaragajwe.

Ejo ntuzosa n’uwundi munsi n’umwe. Tuzofata Ukwizera Gushitse Kwacu Yaduhahe kandi tuzoGushira ku co ari co cose dukeneye, kandi tuzokironka mu gihe Inkingi y’Umuriro Izovugira mu ntumwa yaYo Yatoye kandi atubwira ati :

Murazi ico nabakoreye? Mwanyise, « umwungere wanyu » ; kandi mwavuze ukuri, kuko ndi we. Namba jewe, umwungere wanyu, nashingiwe intahe na Yesu Kristo yuko nkora igikorwa ciWe, rero mwizere Ijambo Ryanje. Mu gukora iki gikorwa c’ukwizera, mu kubarambikako ibiganza, ndirukanye indwara n’imibabaro bibagora. Ni mwizere ibi, kugira ngo mwishurwe imitwaro yanyu, ukwo yoba iri kwose, kuko ibintu vyose bishobokera abizera. Kandi iyo musenga, mwizera ko mwaronse ivyo mwasavye. Kandi ndagerageza kwizera ko nabironse, kandi mu mutima wanje ndakiriye ugukira ukwo ari kwo kwose kwanyu, ndakwakiriye, ivyo vyakoretse. Ndavyizeye, ndavyizeye n’ibiri muri jewe vyose.

Twizera hamwe n’ibiri muri twebwe vyose, ko Ubu Butumwa ari Ijwi ry’Imana, Ryavuzwe, Ryafashwe kw’ibande Ryagaragajwe kandi Ryabikiwe iki gihe. Twizeye ko ico dusaba cose, tuzokironka, kuko ni UKO NIKO UHORAHO AVUZE KO ARI IVYACU.

Ni muze dufatanye ku w’iyinga isasita, kw’isaha y’i Jeffersonville (isakumi na zibiri kw’isaha y’i Burundi) kugira ngo mwakire ico mukeneye cose mu gihe twumviriza umuhanuzi w’Imana atubwira ukuntu twakira : Ukwizera Gushitse, Ubutumwa Bwavuzwe kw’igenekerezo ya 23 myandagaro ku mugoroba, umwaka wa 1963.

MweneData Joseph Branham.


Ivyanditswe vyo gusoma :

Mariko 11:22-26
Mariko 16:15-18
Yohana 14:12
Yohana 15:7
Abaheburayo 11:1
Abaheburayo 4:14
Yakobo 5:14
1Yohana 3:21