Category Archives: Uncategorized

23-1105 Aritwararika. Mbega Weho?

Ubutumwa: 63-0721 Aritwararika. Mbega Weho?

Kuvoma Ubutumwa

Ibimenyeshejwe Ibimenyeshejwe ku bijanye n’ugusobanura mu zindi ndimi bikorerwa muri Branham Tabernacle

Bakunzi Bana b’Ubutumwa bwiza,

Ntabantu bagendagenze kur’iy’isi bigeze guhezagirwa nkatwe. Mbere twoshobora kwiyumvira intumwa mumalayika w’indwi yatoranijwe n’Imana atubwira aya majambo:

Ndabakunda. Yooo, ndabakunda nk’aho mur’ abana banje bwite, kandi muri abana banje m’Ubutumwa Bwiza. Nabavyariye muri Kristo, biciye mu Butumwa Bwiza.

Imana Iratwitaho cane kugeza aho Yaturungikiye Umuhanuzi waYo Yemeje n’ikimenyetso c’Inkingi y’Umuriro kugira Atumenyesheko atari uyu muntu wenyene yagendana natwe, ariko Yari Imana neza na neza muri we. Ni We ariko Araturongora.

Kuko Atwitwararika, imbere y’uko urubanza ruhambaye rushika, Yaramaze gutegura uburyo, tuzohunga urubanza rugiye kuza. Iyo nzira y’ubuhungiro ni iyacu gusa, Abatoranijwe. Ni twebwe twakiriye uru rubuto rw’Ubugingo. Ni twebwe twatoranirijwe kububona. Ni twebwe dufise uku Guhishurirwa guhambaye kw’Ivugabutumwa rya bande.

Yapfiriye iri bango ry’ivugabutumwa. Yapfuye kugira ngo Mpwemu Yera Ashobore kuba hano mur’iki gihe kugira Yerekane ibi bintu. Yarabitwararitse.Yaritwararitse kubuzana hano. Yaritwararitse gutanga icemezo. Yagize umwitwarariko kubera Yabakunze. Yaritwararitse bikwiye mu kubikora, kurungika Mpwemu yera kuri ibi, kuzana iri bango ry’Ivugabutmwa uyu munsi.

Nimba waratoranirijwe Ubugingo Budashira, uzoryumviriza kandi uzorihimbarirwa. Ni indemeshanyo yawe. Ni ikintu wagiriye igishika cane ubuzima bwawe bwose. Ni ya maragarita y’agaciro kanini. Duheba ibintu vyose kubw’ubu Butumwa, iri Jwi. Ni Umwami Yesu Kristo Avugana natwe.

Nta muntu arinda kuduhendahenda, TURI ABIZERA, nta kintu na kimwe cobidukuramwo. Ntitwitwararika ivyo umuntu uwo ari we wese yovuga, twizera Ijambo ryose.

Aratwitwararika cane rwose; nimba dukeneye ugukira indwara, ni twizere gusa Ijambo ryiWe bivuye ibwina mu mutima wacu. Aho rero ntaco bitwaye icarico cose uwusuzuma indwara, uwukwitwararika wese, umuganga wese, ivuriro iryo ari ryo ryose, uwatoye indwara yovuga, twizera Ijambo ryiWe gusa. Turarizi gusa! Ntibikenewe kuvuga ibindi bintu kuriRYo, tuRarizi.

Yaratwitwararitse cane rwose gushika aho Yatumye umuhanuzi wiWe Aziganya imfungurwa kubw’Umugeni wiWe. Mbere yatumye abungere bose, abavugabutumwa n’imigwi y’abantu kw’isi yose gukurikira ibintu ngenderwako vyiWe no kuvuza amabande mw’IKORANIRO ryabo canke mu migwi.

Nimba mwebwe bantu muza gukora gusa ivyo mur’iki gitondo, biraza gusengerwa, kandi na mwebwe bantu mwumviriza iyi bande, kw’isi yose, iyi bande ihejeje kuvuzwa, maze umuvugabutumwa canke umuntu yariko arayivuza mw’ikoraniro, mu migwi hariya mu mashamba canke aho muri hose, muriko murayivuza, uze kubanza wihane bikwiye, kandi rero uze ata kindi kintu na gitoyi kiri mumutima wawe,kiretse ukwizera , maze uce usengerwa, aho rero, Umuti uzoca ukora.

Noba naribajije ko abanegura bavuga ko umuhanuzi ATIGEZE AVUGA NA RIMWE ko twovuza amabande mw’ishengero? Ntiyavuze gusa mu mashengero, ariko no mu mashamba canke AHO ARIHO HOSE muri… NIMUVUZE AMABANDE.

Ni wumvira kandi ugakora neza na neza ivyo Imana Yavuze biciye ku ntumwa mumarayika w’indwi waYo Yemeje, rero nawe, urashobora kuronka kwa KWIZERA guhambaye kuruta ukundi kwose woshoboye kuronka.

Jewe, jewe… ubwa mbere, kandi kugira mvuge kuri ibi, ikoraniro ritegerezwa kuba ryuzuye ukwizera. Wewe—wewe, nimba udafise ukwizera, rero nta—nta kamaro ko kuza gusengerwa, kuko haza gukenerwa ukwizera kwawe n’ukwanje vyose hamwe; ukwizera kwanje kwo kuMwizera, ukwizera kwawe kwo kuMwizera.

Ntituriko ducacisha canke twiyumvira, canke tuvyizigira. Izi bande ni Inzira Yatoranijwe n’Imana muri iki gihe. Ntabwo ari amajambo y’umuntu yitwa William Marrion Branham, ni Amajambo Yahishuwe y’Umwami Yesu Kristo. Ni atagukekeranya, “Amen!” Ni Icishimikizo ntanyiganyizwa cacu.Ni ukuri, kandi ni ukuri kutagabanije.

Kandi igihe uronse icishimikizo ntanyiganyizwa c’Imana, Ijambo ryaYo, isezerano ku bintu kanaka, utegerezwa kumenya mbere na mbere yuko ari Ijambo ry’Imana, yuko ikintu uriko urabona gikoreka ari Imana. Nta—nta – nta “nkeka, vyoshobora, bisa nk’aho vyoshobora kuba.” “ Ni Imana!” maze igihe ushitse kuri ico kibanza, rero iyo ni ya Maragarita y’agaciro kanini, utegerezwa kwitandukanya n’ikintu cose umuntu yokubwira gitandukanye naco. Ntutegerezwa kuraba ic’umuntu yakoze.

Tugiye kuzogira UMUSI MUKURU W’URUKUNDO UHAMBAYE CANE kur’uyu w’iyinga. Tuzokora neza na neza ivy’Intumwa mumalayika w’indwi w’Imana Yemejwe yatubwiye gukora: Fyonda uvuze maze wumvire.

IVYO ARI VYO VYOSE twokenera, tuzobironka. Tugiye kuzobironka kuko tugiye gushira ukwizera kwacu ku KWIZERA KWIWE kugira tuMwizere. Maze tuzoca twese tuvuga:

Kuva ubu no kubandanya, hari ikintu mu mutima wanje kimbwira ko ingorane zanje zaheze. Nda—ndakize, ngiye gukira” Muravyizeye? Duza ibiganza , “Ndavyizeye!” Imana Ibahezagire.

Kuko Imana Yitwararika, ndabatumiye kuza kwifatanya natwe canke gutera intege umwungere wawe, umurongozi wawe, akurikire ingingo ngenderwako z’umuhanuzi, maze mwumvirize umumarayika w’indwi w’Imana, avuga Ijambo ry’Imana maze mwakire ivyo mukeneye vyose, kuri uno w’iyinga, isaha zitandatu z’umuhingamo kw’ isaha ya Jeffersonville: Aritwararika. Mbega weho? 63-0721

MweneData Joseph Branham

Ivyanditswe vyo gusoma imbere yo kwumviriza Ubutumwa:

Yohana 5:24
Yohana15:26
1 Petero 5:1-7
Abaheburayo 4:1-4

23-1029 Imbohe

Ubutumwa: 63-0717 Imbohe

Kuvoma Ubutumwa

Ibimenyeshejwe Ibimenyeshejwe ku bijanye n’ugusobanura mu zindi ndimi bikorerwa muri Branham Tabernacle

Bakunzi Mbohe,

Ubuzima ubayeho ubu buzokwerekana ubuzima wari kubamwo namaba wari kuba mu minsi ya Nowa, canke ya Mose, kuko ufise ya mpwemu nyene. Ya mpwemu nyene iri muri wewe ubu yari muri abo bantu ico gihe.

Namba wobaye mu minsi ya Nowa, ni uruhe ruhande wari gukurikira? Wari kuba mu bwato na Nowa wizeye ko yari Imana yari yarahisemwo kuzokwubaka ubwato hanyuma akarongora abantu, canke wari kuvuga uti, “ Na jewe noshobora kwubaka ubwato. Ndashoboye nk’umucapitaine w’ubwato n’umwubatsi wabwo.”

Mbega ni gute naho namba wari kuba mu gihe ca Mose? Wari kugumana na Mose maze ukizera ko ari we Imana yari yarahisemwo kurongora abantu, canke wari kuja ku ruhande rwa Datani na Kora igihe bavuga bati, “ Natwe turi abera, turafise ikintu co kuvuga. Imana natwe yaraduhisemwo”

Umwe wese muri twese ategerezwa guhitamwo iki gihe, hagati y’urupfu n’ubugingo. Ntaco bimbwiye uruhande wovugako wegamiye. Ivyo ukora, buri munsi, vyerekana uwo uri. Turafyonda tukavuza BURI MUNSI.

Woba uri mw’Ijambo buri munsi? Woba usenga , urondera ubugombe butunganye bw’Umwami mu bintu vyose ukora? Woba ufyonda ukavuza hanyuma ukumviriza Ijwi ry’Imana ryagaragajwe buri munsi? Woba wizera vy’ukuri ko gufyonda ukavuza ari ikintu ngirakamaro? Urizera ko Ijwi ku mabande ari Ijwi ry’Imana kubwo uyu munsi ?

Kuri twebwe, Inyishu ni EGO. Turiko tubwira isi ko turi Imbohe kw’Ijambo ry’Imana, Ubutumwa bwayo, Ijwi ry’Imana ryagarajwe kubwo igihe cacu. Ego, turizera n’umutima wacu wose gufyonda tukavuza. Ego, turizera intumwa y’igihe c’indwi ko yahamagariwe kurongora Umugeni. Ego, Iryo kuri Bande niryo Jwi ngirakamaro ryo kwumviriza.

Urukundo rw’Imana, Ijwi ryayo, Ubu Butumwa , ni igitangaza, ni ihishurirwa kuri twebwe, yuko tudashobora kuRija kure. Twarahindutse Imbohe kuri ryo.
Twaritandukanije n’ikintu cose, ntaco bitwaye ico umuntu wese yovuga, tumase kuri vyo. Hariho ikintu kuri Ryo tudashobora kuja kure. Ni umunezero w’ubuzima bwacu. Ntidushobora kubaho tutawufise.

Turanezerewe cane, turashima cane, turishimye kuba Imbohe kubwo Umwami n’Ubutumwa bwiWe; kuko ni kimwe. Birengeye ubuzima kuri twebwe. Buri gihe bihinduka ivyiza kandi vy’ukuri ko turi Umugeni wiwe.

Turi mu bugombe bwiwe butunganye. Turashobora kuvuga Ijambo, kuko turi Ijambo ryihaye umubiri.

Nta kintu na kimwe twiyunze kiretse Kristo n’Ubutumwa bwiWe kubwo iki gihe; na Data, na mama, mwenewacu na mushikiwacu, umugabo wacu, umugore wacu, umuntu wese. Twiyunze gusa na Kristo, kandi We wenyene. Twiyunze kandi duhambiriwe kuri Ubu Butumwa, Iri jwi, kuko ni inzira y’Imana yateguye kubwo iki gihe. KANDI NTA YINDI NZIRA.

Ntitwokwigira imbohe twebwe ubwacu, kubwo ivyiyumviro vyacu. Twarihevye rwose kandi duhambiriwe kuri wewe . Ntaco bitwaye ivyo isi yotwiyumvirako, ivyo isi yokora, duhambiriwe kuri We n’imigozi y’Urukundo hamwe n’Ijwi ryiwe.

Turashimye kubwo kuba Imbohe. Mbwira, Data, ico gukora buri kanya ka buri munsi. Reka Ijwi ryaWe ritwubake mu vyo dukora vyose, tuvuge , maze dukore. Nta kindi dukeneye kumenya Atari Wewe.

Nimuze mufatanirizwe hamwe natwe kw’Ijambo ry’Imana n’Ijwi ryayo kuri uwu w’iyinga isaha zitandatu z’umuhingamo kw’ isaha ya Jeffersonville( akaba ari isaha 12 z’umugoroba mu Burundi), mu gihe twumviriza ukuntu twohinduka : Imbohe 63-0717.

MweneData Joseph Branham

Ivyanditswe vyo gusoma imbere yo kwumviriza Ubutumwa

Filemoni 1: 1

MweneData Branham, turakunda ukuntu uvuga ivyerekeye Filemoni, BIRATUNGANYE ku mugeni

23-1022 Kuki utaka? Vuga!

Ubutumwa: 63-0714m Kuki utaka? Vuga!

Kuvoma Ubutumwa

Ibimenyeshejwe Ibimenyeshejwe ku bijanye n’ugusobanura mu zindi ndimi bikorerwa muri Branham Tabernacle

Bakunzi makoraniro y’Imana,
Ndi ishengero ryiwe, muri ishengero ryiwe, Turi urushengero Imana Yiberamwo, turi ishenegro ry’Imana nzima; Imana Nzima iba muri twebwe. Ibikorwa vyacu ni ibikorwa vy’Imana, Imana ishimwe!

Twese dukoraniye hamwe, mu bibanza bisanzwe kw’isi yose; bose bakoraniye hirya no hino y’Ijwi ry’Imana, Ijambo ryiWe kubw’iki gihe.

Ni vyiza cane. Nta na kimwe kidufatanije n’ico ari co cose, gusa kuri Yesu Kristo wenyene hamwe n’Ijambo ryiWe. Ni ivyo,Nta kirenga ivyo, twicaye hamwe ahantu ho mw’Ijuru twejejwe n’Ijwi ry’Imana.

Tujanye inzira yose, twese tugiye mu gihugu c’isezerano. Umwe wese muri twebwe!
Waba uri umugore akora akazi ko mu nzu, umukozi wo mu nzu, umutamakazi, umusore ico ari co cose uri, twese turagiye. Nta n’umwe muri twebwe azosigara, umwe wese muri twebwe azogenda kandi nta kintu na kimwe muri iyi si kizoduhagarika.

Twizera yuko twese twotegerejwe gukoranira hamwe, umugwi uhambaye wunze ubumwe w’Umubiri wa Yesu Kristo, turindiriye kwa Kuza kw’Ubwiza, ntitwotegerejwe gutandukana, ariko umuntu yarikuye mu nzira y’inyigisho z’Ubutumwa bwiza.

Hategerezwa kubaho ahantu herekena inzira y’Ukuri n’iyikinyoma. Kandi inzira yonyene yo kubikora , ni ukutazana insobanuro kw’Ijambo ryaYo, Risome gusa uko Rimeze hanyuma Ryizere uko nyene Rimeze. Umuntu wese yishirirako insobanuro yiwe bwite kandi bigatuma hagigwa ibintu bitandukanye. Hariho IJWI RY’IMANA RIMWE gusa KU MUGENI, GUFYONDA MUKAVUZA!

Ndabivuze kuri iyi Bande, hamwe no kuri iri koraniro, mvuze ibi musi y’ugusirwa kwa Mpwemu Yera : Uwuri mu ruhande rw’Umwami, Mureke aze musi y’Iri Jambo!

Ijambo ry’igihe cacu Rifise ijwi. Umuhanuzi wacu niryo Jwi. Iryo ni Jambo Rizima kubwo gihe cacu. Twari twaratoranirijwe kwumviriza iryo Jwi hamwe no kubona iki gihe , kandi nta kintu kizoduhagarika kwumviriza iryo Jwi.

Ukwizera kwacu kurabibona, kandi kwahisemwo kuryumviriza hatitaweho ivyo uwari we wese avuga, ntiduta hasi imbono yacu y’aho dutanguranirwa ,ngo twitegereze iyindi nzira, twitegereza kw’ihuriro ry’Ijambo maze amatwi yacu agahindukirizwa kuri iryo Jwi.
Hamwe n’ukukwishikanira Mwami, kuva mu mitima yacu gushika ku matwi yacu, iri niryo sengesho ryacu rivuye ku mutima

Yuko ubuzima bwacu buzohinduka kuva ubu no kubandanya, yuko tuzoba abantu biyummvira neza mu vyiyumviro vyacu. Tuzogerageza kubaho mu bwiza no mu kwicisha bugufi, ko, mukwizera ivyo twasavye Imana, Imana Izobiha umwe umwe wese. Kandi ntituzobwirana ibibi hagati yacu, eka mbere nta n’uwundi muntu n’umwe. Tuzosengera abansi bacu kandi tubakunde, dukorere ineza abatugiriye inabi. Imana niYo mucamanza y’uwuri mu kuri n’uwuri mu kinyoma.

Ndabatumiye kuza kugira ngo musige ukwizera kwanyu mu kwumviriza ijwi ry’Imana hamwe natwe kuw’iyinga, isaha zitandata z’umuhingamo, kw’isaha ya Jeffersonville( akaba ari isaha 12 z’umugoroba mu Burundi), mu gihe tuzokwumviriza : Kuki Utaka ? Vuga ! 63-0714M.

*MweneData Joseph Branham

23-1015 Ikirego & Isangira ryera

Ubutumwa: 63-0707m Ikirego

Kuvoma Ubutumwa

Ubutumwa: Isangira ryera 63-0707e

Kuvoma Ubutumwa

Ibimenyeshejwe Ibimenyeshejwe ku bijanye n’ugusobanura mu zindi ndimi bikorerwa muri Branham Tabernacle

Mukunzi Mugeni wo mu miryango, Reka twese dukoranire hamwe hanyuma twumvirize Ubutumwa, Ikirego 63-0707m,Uyu w’iyinga Isaha cumi n’imwe zo ku Mugoroba (Akazoba ari isaha zitanu z’ijoro mu Burundi), isaha ya Jeffersonville.

Reka rero twitegure kubwo akaryo kubashwe gufata ingaburo y’Umwami mu mazu yacu, tugiheza gusa kwumviriza Ubutumwa mu gihe tuza kwumviriza Ubutumwa Isangira ryera 63-0707e, hanyuma tugire isangira ryera maze ibikorwa vy’ukwozanya ibirenge bikurikire. Bande y’Ikirego hamwe n’ Bande y’Isangira ryera izovuzwa kuri Voice Radio { mu Congereza gusa} ikurikirwe n’Umuziki wa Piano, n’Ivyanditswe vyo gutanguza ukwozanya Ibirenge, n’indirimbo z’Ubutumwa, nk’uko dusanzwe tubikora mu gikorwa c’ingaburo Yera mu miryango.
Musi muraza kuhasanga urukurikirane rw’Ibiraro vy’ukungene mushobora gutegura Umuvinyu n’umukate vy’ Ingaburo Yera.

Ndashimye cane ko Umwami yaduteguriye inzira yo gutumira Umwami w’abami mu mazu yacu yose ku musi munaka wiharije hamwe naWe. Vy’ukuri ndindiranye igishika co guhura namwe mwese ku Meza yiWe.

Imana Ibahezagire.

MweneData Joseph Branham.

Instructions for Baking Bread / Making Wine

Instructions to obtain Communion Wine / Feet Washing Bins

23-1008 Mbega Ubuzima Bwawe Burabereye Ubutumwa Bwiza?

Ubutumwa: 63-0630E Mbega Ubuzima Bwawe Burabereye Ubutumwa Bwiza?

Kuvoma Ubutumwa

Ibimenyeshejwe Ibimenyeshejwe ku bijanye n’ugusobanura mu zindi ndimi bikorerwa muri Branham Tabernacle

Bakunzi Busho bw’Umuhanuzi w’Imana,

Reka dusenge.

Data wa twese uri mw’Ijuru, mbega ukuntu dushima kubwo ikindi gihe dukoraniye hamwe kw’isi yose uru ruhande rw’ibihe Bidashira. Duhuje ivyiyumviro n’umutima n’inama; mukwumviriza Ijwi ryawe rivugana natwe. Twiteze bushasha inkomezi zivuye iwawe, kugira ziduhe umwete n’inguvu kubwo urugendo ruri imbere yacu.

Dukoraniye hamwe kugira turonke Manu twateguriwe. Irya Manu ya Mpwemu yabitswe kugira iduhe inkomezi kubwo urugendo. Nico kintu CONYENE kizoshobora kudufasha mu misi igiye kuza.

Watubwiye, imbere yuko ushira ishengero ryawe ku rutonde, ko wotegerejwe kudukoraniriza hamwe , ahantu hamwe, kandi duhuje umutima n’inama. Hanyuma worungika Mpwemu Yera wawe kuri twebwe kubwo uburongozi; Atari inama y’ihuriro ry’Amadini, si n’umugwi w’abantu, ariko ni Mpwemu Yera avugana natwe umunwa ku gutwi.

Wavuze biciye mu mu malayika wawe hanyuma aratubwira ati,

“Ndakeneye ko mugumana n’umwungere wanyu kandi gumana n’inyigisho zigishirizwa ng’aho. Gumana n’iri Jambo, NtimuRisige! Gumana neza n’Ijambo hatitaweho ivyoza canke ivyogendab, Gumana n’Iryo Jambo!”

Data, Turubashe Ijambo ryaWe kandi kandi tugumana n’umwungere wacu. Ni Ijwi ry’Imana uyu musi gusa Rivuga Ijambo Ritunganye Ryagaragajwe kandi Ryemejwe kubwo igihe cacu.

Watubwiye ko uko vyari mu minsi ya Sodomu, niko bizomera igihe c’ukuza kw’Umwana w’Umuntu; tuzoba dufise ibintu bibiri vyo kuturongora, kandi n’abandi bazoba bafise ibintu bibiri. Ivyo bintu bibiri vyabo bari abigisha babiri.

Ariko kubw’ ishengero ryanyu rya Mpwemu, Umupfasoni Mugeni yatoranijwe, yahiswemwo, Ibintu bibiri vyacu bizoba ari wewe, ugaragajwe mu mubiri w’umuntu, Uturongora kubwo Inkingi y’umuriro.

Reka umuyaga uhuhute. Reka igihuhusi gihuhute. Turi mu mutekano, ibihe vyose. Turuhukiye kw’Ijambo ryaWe. Igihe kiri hano. Ukuvayo kwa Mpwemu kwashitse. Turiko tugendana nawe kandi tuvugana buri munsi, mu kwumviririza Ijwi ryawe. Twama twibereye mu gufatanya hamwe nawe buri gihe.

Dushaka kuba ibiganza vyawe, amaso yawe, ururimi rwawe. Uri umuzabibu, turi amashami yawe. Duhe inkomezi, Data, kugira twame ivyamwa vyaWe. Icipfuzo cacu gusa nukugira ubuzima buberanye n’Ubutumwa Bwiza bwawe.

Iyerekanire muri twebwe, Data, kugira tubandanye igikorwa cawe hamwe no gushitsa Ijambo ryaWe Ryasezeranywe. Icipfuzo cacu ni ukuba intumwa zawe kubwo iki gihe, Kugira dushitse Ukugororoka kwose.

Dushaka kwukwumviriza uvugana natwe:

Isengesho ryanje ni iri , kuri abo bari kuri radiyo canke mu… Kuri Bande , hamwe n’abari hano. Reka Imana nyene Ubuntu bwose, Yo mw’Ijuru, Isuke Mpwemu Yera waYo kuri twebwe twese, kuburyo twebwe, kuva iri joro, no kubandanya , twoshobora kubaho ubuzima Imana Ishobora kuvuga iti, “ Ndahimbawe cane. Nimwinjire mu munezero w’ibihe bidashira wabateguriwe kuva isi ishirwaho.” Ese Imana yo mw’Ijuru Yorungika imihezagiro kuri mwebwe bantu mwese .

IMANA ISHIMWE… Ni twebwe Data, Umugeni wawe mu gihugu c i Bande. Vy’ukuri, rungika imihezagiro yawe kuri twebwe hanyuma Uduhishurire Ijambo ryaWe, utubwira ko buri Butumwa twumviriza Uhimbarwa cane, TURI UMUGENI WAWE.

Asangwa mwipfuza kwumviriza Umwungere wacu, Umwungere w’Imana kw’isi uwo yarungitse guhamagarira gusohoka no kurongora Umugeni wayo, Ingo mwifatanye natwe kuw’iyinga isaha zitandatu ku muhingamo isaha ya Jeffersonville( akaba ari isaha 12 z’umugoroba mu Burundi), kuMwumviriza Avuga amajambo y’Ubugingo Budashira, mu gihe Atuzanira Ubutumwa buvuye ku Mana : Mbega Ubuzima bwawe Burabereye Ubutumwa bwiza 63-0630E

MweneData Joseph Branham

Ibimenyeshejwe vyiharije: Asangwa Umwami Abishatse , tuzogira Ukwozanya Ibirenge kuw’Iyinga uza mw’Ijoro, igenekerezo rya 15 , Gitugutu

23-1001 Ukuvayo Kwa Gatatu

Ubutumwa: 63-0630m Ukuvayo Kwa Gatatu

Kuvoma Ubutumwa

Ibimenyeshejwe Ibimenyeshejwe ku bijanye n’ugusobanura mu zindi ndimi bikorerwa muri Branham Tabernacle

Mukunzi Mugeni Wasohotse,

Ibi bintu turiko turabona bishika uyu munsi ntivyigeze bishika imyaka mirongo ibiri iheze, canke imyaka mirongo ine iheze; Ni uno munsi gusa biriko birashika. Iki nico gihe! Iki nico kiringo! Rero iki nico gihe cuko bishitswa. Imana yarabisezeranye, KANDI NG’IBI.

Dufise ugutahura kwa Mpwemu; Ibigabitanyo vy’iki gihugu vyaruzuye. Igihe carashitse. Ni igihe co kuja mu gihugu c’Isezerano. Si mukuja mu kindi gihugu, ariko ni muhira hacu ho muri kazoza twari turindiriye.

Vyiyumvireko gusa, ikiriko kiturongora gisumba Umuhanuzi. Ni Imana yigaragaje ubwayo mu Mubiri hagati muri twebwe, hamwe n’Ijambo ryiwe ryo kubigaragaza. Umuhanuzi yamaze ikiringo kirekire gusumba uwundi muhanuzi. Ni inkingi y’Umuriro iriko iturongorera mu gihugu c’Isezerano, Inganji y’imyaka igihumbi.

Yahisemwo umuhanuzi wacu kandi Imuha ikimenyetso c’insigabwenge c’inkingi y’umuriro, kugira ntashobore kwihenda. Ivyo Umuhanuzi yavuze ni Amajambo y’ukuri y’Imana. Yatwaye umuhanuzi wacu, aramumenyereza, hanyuma amugarukana kuri twebwe afise inkingi y’umuriro, amwemeza ubwiwe kuri twebwe, maze aduha ihishurirwa ryose ry’Ijambo ryiwe.

Asangwa dushaka kuja muri ico gihugu c’Isezerano, Tubwirizwa kutibagira, Imana ntishobora, kandi ntizoshobora, guhindura umugambi wayo. Ni Imana , kandi ntishobora. Yaratubwiye ko Itazokwigera ikorana n’umugwi. Ntiyigeze ibikora.Ikorana natwe nk’abantu kugiti cabo. Yadusezeraniye mw’Ijambo ryayo ko izoturungikira Malaki 4 kugira aturongorere muri iki Gihugu kandi yarabikoze.

Ariko, Murabona, Ahabu yarafise uburyo bw’ugukora yiyumvirako bwari ubw’Uhoraho. Yavuze ati, Ndafise amajana ane muri bo, bize kandi bamenyerejwe.” Kandi bavuga ko ari abahanuzi bo mu Baheburayo, nkuko imigwi y’ivugabutumwa ikora uyu munsi.

Benshi ntibashaka kuvyemera, ariko nka Eliya wa kera, intumwa mumalayika w’indwi w’Imana, umwungere wacu, ni umwungere w’isi kugira arongore Umugeni waYo.

Ni Malaki 4:5 hamwe n’Ivyahishuriwe Yohana 10:7. Ni ugushitswa kwose kw’ivyanditswe Bibiliya yavuze mbere kuri we. Ni Ubu Butumwa, Iri Jwi, Ni Ijwi ry’Imana rihamagara Umugeni wayo. Ni ikimenyetso c’Imana kubw’ iki gihe.

Niya nkingi y’umuriro, bwa buryo bw’ugusirwa nyene. Ya Mana ikora vya bintu nyene.

Ubu Ijambo ryihaye umubiri kandi ribana natwe mu mibiri yacu, Ijambo Mugeni wiwe.

Reka tumuborogere hanyuma tumushime, tumutazire, tumusenge, kuvyo yadukoreye vyose:, yaraducunguye, Yaradutoranije, aradutsindanishiriza.

Ivyo Ariko aradukorera ubu; aduha uguhishurirwa kugeretse ku kundi, Atubwira abo turi, nivyo agiye kuzodukorera … araje Atujane twebwe Umugeni wayo, hanyuma atujane I muhira hacu ho muri kazoza yaduteguriye, maze tubane na We mu bihe bidashira.

Ivyo dukeneye vyose, ni muMutakambire. Ivyo nivyo Ashaka ko abana biwe bakora. MuMutakambire gushika aho mwumva muhagijwe hanyuma muronke ivyo mukeneye.

Ingo hanyuma mufatanirize hamwe n’igice c’Umugeni wayo ,kuw’iyinga isaha zitandatu z’umuhingamo kw’isaha ya Jeffersonville, [hakazoba ari isaha icumi na zibiri z’umugoroba mu Burundi.] Hanyuma mwumvirize umwungere w’Imana kw’isi, William Marrion Branham, atubwira ivyerekeye : Ukuvayo kwa Gatatu 63-0630M.
MweneData Joseph Branham

Ivyanditswe vyo gusoma Imbere y’ukwumviriza Ubutumwa :

Kuvayo 3:1-12
Itanguriro 37
Itanguriro 43

23-0924 UKURAVYA KW’IKIMURI GITUKURA NK’IKIMENYETSO C’UKUZA KWIWE

Ubutumwa: 63-0623E UKURAVYA KW’IKIMURI GITUKURA NK’IKIMENYETSO C’UKUZA KWIWE

Kuvoma Ubutumwa

Ibimenyeshejwe Ibimenyeshejwe ku bijanye n’ugusobanura mu zindi ndimi bikorerwa muri Branham Tabernacle

Mukunzi Mugeni adafise ubwoba,

UKUGABISHA! UKUGABISHA! Ikimuri gitukura kiriko kirarabagiza. Ukumanurwa kw’igihuzu kwarashitse. Dutegerezwa gushira ikintu cose ku ruhande, IKINTU COSE kandi mwitegure. Turi kw’iherezo. Igihe twari turindiriye uhereye kun tango carashitse. Ubuvugishwa buriko burashitswa.

Imana yatwaye intumwa yayo nkukuma y’inkomezi mu kirere ahantu ho mw’Ijuru kugira yitegereze mu myaka 60 uhereye 1963 gushika uyu musi , Ukw’icenda 2023, kugira abone ibintu vyose biriko birashika mu gihe cacu… Ukuntu isi izoba imeze, abagore b’ingeso mbi, ukw’Ishengero rizoba rimeze, Ubusazi bw’abantu, ububi, ukugenda amenya, Malaya w’agahebuza mu mashami yose y’ubutegetsi, Ubunyonyezi muri politique, kandi yaratugabishije ku vyari bigiye gushika.

Ubu rero turabibona bigaragajwe imbere y’amaso yacu nk’uko yatubwiye ko vyoshitse. Ni twebwe twabonye ibi bintu vyose bishika. Ikintu cose kiri mu kibanza. Vyahindutse ikirundo gihambaye c’umwanda.

Isi yose iri mu ruhagarara. Barazi yuko atavyizigiro bigisigaye. Bitera vyunyuka buri musi. Isi itekewe n’ubwoba. Ubutunzi burabangamiwe , Ubwicanyi bw’inzirakarengane, Abagore bashaka kuba abagabo n’abagabo bashaka kwibera abagore. Ikintu ico ari co cose kiremewe. Mbega hashobora gushika iki umwanya uwo ari wo wose ? Barazi ko ari ikintu kimeze nk’ ikirunga; gishobora guturika umwanya uwo ari wo wose. Murashobora kubibabonamwo, mu bikorwa vyabo, NTA VYIZIGIRO BIHARI, BAFISE UBWOBA.

N’ayiyita amashengero rukristo ariko yemera abungere bahinduye ibitsina bakigira abagore canke abagabo, abarongozi muvya Mpwemu barongora abantu. Vyarushirije kuba bibi kuruta Sodomu na Gomora. Satani n’ubwami bwiwe bariko bishira hamwe kandi bahindutse umwe. Yarashikije ihangiro ryiwe.

ARIKO IMANA ISHIMWE, Muri uku kwononekara n’ubwoba, Data YaraTUzigamye, Umugwi w’abantu biWe batoranijwe , Umukunzi Mugeni wiwe, ari mu mutekano mubiganza vyiwe kandi turiko tugiriranira ubumwe bwo muri Mpwemu hamwe nawe nkuko bitigeze kuba mbere. Iki ni igihe gihamabye mu buzima bwacu. Ni ivy’igitangaza. Ni ivy’ubwiza. Bisize ubwenge. Birengeye uko twobivuga.

Umubiri wacu uriko urahinduka Ijambo, kandi Ijambo ririko rirahinduka umubiri; waragaragajwe, waremejwe. Ivyo Bibiliya yavuze vyoshitse muri iki gihe, biriko birashika, umusi ku musi.
Ibintu biriko birashika kandi birashika vyihuta kuburyo tutobigenzura. Turi hafi y’ukuza k’Umwami Yesu; Kugira tube umwe naWe, aho Ijambo rihinduka Ijambo.

Hamwe n’ibi bintu vyose biriko birashika hirya no hino yacu, NTITWARI BWIGERE TUNEZERWA
, duhimbarwa cane canke duhazwa cane. Imitima yacu n’ubugingo bwacu biriko biradudubizamwo umunezero utovurwa kandi vyuzuye ubwiza. Ni ikintu c’insigabwenge.

Turiko turonka indemeshanyo kuruta uko vyari mbere, tuzi neza ko kuva mu ntango, twatoranirijwe kuba umuhungu n’umukobwa w’Imana.

TURI Umugeni wa Kristo w’ingeso nziza, yogejwe mu Maraso ya Kristo. W’ubwiza, w’ingeso nziza, Umwana w’Imana atagira icaha w’intungane, Umugeni-Jambo atanduye yogejwe n’Amaraso yiwe bwite. Twatoranirijwe mu gikiriza ca Data imbere y’itanguriro ry’igihe; co kimwe n’uko yari… Imana Ishimwe!! HALELUYA!

Ntituri ivyo gusa, ariko vuba twimirije kwinjira mu Bukwe mu kirere, twambaye imyambaro y’ubukwe bw’abatoranijwe. YaraTUzi…Vyiyumvireko gusa, Yatumenye imbere yuko isi ishirwaho, yatwambitse umwambaro w’ubukwe hariya hanyuma ashira Izina ryacu mu GITABU C’UBUGINGO C’UMWAGAZI W’INTAMA, ntitwahariwe gusa, ariko TWARANATSINDANISHIRIJWE.

Hariho inzira imwe gusa yokuronka ibi, mutegerezwa kuza muciye mu nzira imwe gusa yateguwe n’Imana. Ijambo ry’inkomoko, Fyonda uvuze.

Turakengurutse kuko dufise uku guhishurirwa. Birasobanuwe neza kuri twebwe. Inyama n’Amaraso ntivyabiduhishuriye, ariko ni Data ari Mw’Ijuru nta majambo dufise twokoresha mu kuvuga ukuntu tumukunda kubw’ivyo…. UBUNTU BUTANGAJE.

Nta kindi kintu ngirakamaro nko kwumviriza Ijwi ry’Imana rivugana namwe Umunwa ku gutwi. Umunezero wuzuye ubugingo bwacu. Nta kwibaza, nta gukabakaba, oya, nta no kwiyumvira, TURAZI KO , ARI NIKO UHORAHO AGIZE. Ntimushobora kuronka ivyo ijana kw’ijana ahandi hantu kiretse kuri Bande.

Nipfuje kubatumira kuza kwifatanya natwe mu gihe tuzoba turiko turumviriza Ijwi ry’Imana ritubwira ivyerekeye igihe tubayewmo, Mu gihe azoba ariko aravuga biciye mu muhanuzi nkukuma wiwe w’inkomezi hanyuma atuzanire Ubutumwa : Ukuravya kw’Ikimuri Gitukura nk’ikimenyetso c’Ukuza kwiWe 63-0623E

Tuzoba dukoranye kw’isi yose isaha zitandatu, isaha ya Jeffersonville (Isaha 12 z’umugoroba mu Burundi). Asangwa udashoboye kwifatanya natwe, aho ari ho hose uri, ivyo ari vyo vyose uriko urakora, Fyonda uvuze hanyuma wumvirize Amajambo y’Ubugingo Budashira.
MweneData Joseph Branham

Ivyanditswe vyo gusoma imbere yo kwumviriza Ubutumwa:
Matayo 5:28 / 22:20/ Igice ca 24
2Timoteyo 4
Yuda 1 :7
Itanguriro 6

23-0917 Guhagarara Mu Canzo

Ubutumwa: 63-0623M Guhagarara Mu Canzo

Kuvoma Ubutumwa

Ibimenyeshejwe Ibimenyeshejwe ku bijanye n’ugusobanura mu zindi ndimi bikorerwa muri Branham Tabernacle

Bakunzi mwatoranijwe,

Umwami wacu Yesu aradukunda cane, kuburyo vyamuhimbaye kuturungikira Umuhanuzi mu gihe cacu. Uwo yarafitiye icizere ijana kw ‘ijana. Uwo yashobora kuza maze akamubamwo, Rero yashobora kwihishurira muri uwo muntu kugira ahamagarire Umugeni gusohoka.
Umuhanuzi wiwe aradukunda cane kuburyo yatanze isezerano kuri twebwe , no ku Mana, ko Buri Butumwa bushasha bwoje buvuye kw’ishengero ryiwe ritoya. Yobifashe amajwi, akabibika, kugira Umugeni w’Imana azoronke Imfungurwa za Mpwemu zo gufungura, mbere no mu gihe atazoba agihari.

Imana yarakunze Umumalayika Muhanuzi wayo cane kuburyo yafashije Umuhanuzi waYo kubika Ijambo ryiWe kubwacu.

Imana Imaze kuvugana n’Umumalayika wayo w’inkomezi maze ikamuhishurira kandi ikaduhishurira Bibiliya yose, Rero yuguruye Agasongero k’ Urutare rufise ishusho ya Piiramide, Rutari runanditseko, kandi yabihishuriye Umumalalika wiWe, kugira ashobore kuduhereza Amabanga yose , twebwe Umugeni wayo.

Imana kandi yarahaye iyerekwa MweneData Roberson, igihe yabona inkingi y’umuriro iteruye umuhanuzi wayo maze imujana mu Burengero, hanyuma iramugarukana maze imushira hejuru y’ y’Imeza aho yahinduriwe.

Mpwemu Yera yaravuze hanyuma aramubwira ati, « Uyu ni umusavyi wanje. Kandi namuhamagariye kuba umuhanuzi w’iki gihe, kurongora abantu nk’uko Mose yabikoze. Yamuhaye ububasha bwo kuvuga ibintu bikabaho. »

Umuhamagaro wa Mose wari uwuhe ? Yategerezwa gukora iki ? Imana Yategetse Mose kurongora ihanga rigana mu gihugu c’isezerano. Ariko habonetse abantu bafashe ingingo bivanga mu gikorwa Imana Yari yahaye Mose, bati, Vyose uravyishirako ukarenza urugero. Ugerageza kuvuga ko muri uwu mugwi wose ari wewe wenyene ufise ivyo kuvuga. »

Ico kintu carababaje Imana cane gushika aho Ibwira Mose ati, « Itandukanye nabo. Ngiye kwica uwo mugwi, maze ntanguze urunganwe rushasha hamwe nawe. » Maze Mose yikubise imbere y’Imana hanyuma avuga ko Yohera kuri we.

Asangwa Imana Yohoneje abantu mu gihe cacu, Ni nde yohagararira abantu nka Mose ? Ni hehe mworonka umuntu yokwemeye guhagara canke yoshobora guhagarara, uwo Imana yokwemera nk’uko yabikoze kuri Mose ? Hariho umuntu umwe hano kw’isi asigura vyinshi ku Mana kugira Igumye uburake bwayo, ni Umumalayika w’indwi wayo w’inkomezi.

Imana Yamye ifise umugambi igihe cose. Umugeni waYo azotahura uwo mugambi kandi azogumana nawo Ijambo kw’Ijambo. Barazi ko bategerezwa kugumana niryo Jwi Imana yahisemwo kugira ribarongore bashike mu gihugu c’isezerano.

Imana Yavuze biciye mu muhanuzi wayo hanyuma yatanze uburyo buhagije bwo guhitamwo ,nka kurya Nowa yabikoze mu bwato bwiwe ku numa hamwe n’igikona. Ariko nkuko inuma yama igaruka mu Bwato, Umugeni azokwama agaruka ku Butumwa, Iryo Jwi, AMA BANDE.

Ni nde yari umuhanuzi w’igihe cacu ? Hamye abahanuzi b’inkomezi imbere yuko Imana ihamagara hanyuma ikarungika kurongora Ihanga ryayo mu bihe bitandukanye : Aburahamu, Mose, Eliya, Elisa, ariko nta numwe muri bo yarameze nk’uyu muhanuzi w’inkomezi wo mu gihe cacu. Yahamagariwe igikorwa gihambaye gusumba abandi bose. Niwe Imana yahisemwo kugira ahishure amabanga yose, niwe yahisemwo kugira avuge ikintu kitariho kugira gice kibaho. Niwe Imana yahisemwo kugira ahishure ugukwerwa kwa gatatu. Niwe Imana yahisemwo kugira ayobore Umugeni wayo.

Es’ukuntu turi abantu bahezagiwe, Umugeni w’Imana yatoranijwe. Ni gute twoba abantu bikengera ? Ni gute twoba abantu buzuye umubabaro ? Satani agerageza kuduca intege, ariko turafise intsinzi, Twashizweko ikimenyetso, turi muri ubwo Bwato ata co twinona. Imiryango irugaye. Nta kintu na kimwe gishobora kutugirira nabi. Turi Adamu wiwe yashumbushijwe.

Ariko aza kutujana twebwe, Umugeni wiwe yatoranijwe. Hazobaho bamwe muri twebwe batazohonja urupfu, ariko tuzohindurwa mu kanya gato, akanya nka ko gukubita urugohe. IMANA ISHIMWE !!

Nk’uko bimeze kuri mwebwe, ndanezerewe cane, Ijambo ryiwe, Ihishurirwa yampaye , ricika irihambaye ku munsi ku munsi. Niteze ibintu bihambaye. Ataje uyu munsi, nkumbure Azoza ejo, ariko ndazi yuko Agiye kuza vuba kandi AZOZA KUJANA JEWE NA WEWE.

Ingo mwifatanye natwe kuri uyu w’iyinga isaha zitandatu ku muhingamo isaha ya Jeffersonville(akaba ari isaha 12 z’umugoroba mu Burundi), mu gihe tuzokwumviriza imfungurwa zabitswe mu kibanza gitoya cacu mu gihe tuzohanga amaso hejuru hanyuma twumvirize : Guhagarara mu Canzo 63-0623M. Tuzotangurira Ubutumwa ku Murongo canke paragrafe ya 27.
MweneData Joseph Branham

Guharura 16 :3-4

23-0910 Agashashara k Indwi

Ubutumwa: 63-0324E Agashashara k Indwi

Kuvoma Ubutumwa

Ibimenyeshejwe Ibimenyeshejwe ku bijanye n’ugusobanura mu zindi ndimi bikorerwa muri Branham Tabernacle

Mukunzi Mugeni wa Bande,
Mbega igihe tubayemwo! Mbega igihe gihambaye! Ivyanyegejwe, amabanga, vyose tubihishurirwa buri munsi. Ntitubona gusa ivyo twarenganye, turazi igihe tubayemwo hamwe n’ibiri imbere neza na neza.

Twarabwiwe umurongo ku wundi ibigiye gushika. Ariko aratubwira kumugaragaro abo turi, abazoba hariya, hamwe mbere nivyo tuzokora. Abayuda ibihumbi ijana na mirongo ine na bine, ishengero ryejejwe kubwo imibabaro, abakozi mu mirima y’inzabibu bazozana icubahiro n’ubwiza muri uwo Mugwa.

Ariko rero atubwira ko uyo atazoba wewe… yoo oya, muri Umugeni Wanje, muri kumwe nanje muri uwo Mugwa. Ntimuzoba muri hariya mucumukura mu mirima y’inzabibu, uri Umukunzi Wanje uri Umwamikazi Wanje, Umwami Wawe. Uri umwe muri barya ijana ya barya umwe kuri batanu nahisemwo imbere yuko isi ishirwaho. Nateguye iki KIBANZA KUBWANYU… KANDI KURYA NYENE MUGIKUNDA.

Kandi mwiyumvire ko, dukoraniye impande n’impande y’imeza yiwe mu gihe avugana natwe indwi ku ndwi, umunsi ku munsi, isaha kw’isaha, aduhishurura Ijambo ryose ryiWe ry’igitangaza. Aguma atubwira abo turi; ukuntu adukunda; uko vyari, uko biri, hamwe nuko bigiye kuzoshika.

Nta majambo dufise yo kubisigura ingene ari ivyo akamaro kuri twebwe, canke ukuntu twiyumva mu gihe tuMwumviriza atubwira ibi bintu. Igihe dufyonze tukavuza maze tukumviriza iryo Jwi, tuva muri iyi si hanyuma ubwo nyene tukicarana nawe ahantu ho mw’ijuru. Imishaha yacu iraremeshejwe. Twumva Mpwemu Yera Atwuzura hamwe n’Impwemu yiWe. Ni umunezero udashobora gusigurwa. Imana iriko Iravugana NATWE. Ijambo ryose ryavuzwe ku ma Bande yarivuze kubwacu. Arazi neza na neza ivyo twokenera kwumviriza hamwe n’igihe twokenera kuryumviriza… kandi kenshi dukenera kwama turyumviriza… kandi buri gihe ryuzura UMUSHAHA WACU.

Ntitwigera turuha kumWumviriza Atubwira ivyerekeye iyerekwa, inzozi, Niko Uhoraho Agize, Hirya ya ca gihuzu, atwitegereza mu mvune zera, ugukwerwa kwa gatatu, arema inkezi, inkota y’Imana Ibereye ikiganza ciWe gitunganye, imfungurwa zibitse, ziteguwe ku meza imbere, imituragaro, abamarayika b’inkomezi baza maze Bakamutwara, urya mu marayika w’iindwi yiharije yasigura vyinshi kuri we, ikimenyetso gihoraho c’umusozi w’indwi w’agasongero wavuga BRANHAM, avuga gusa ibiri kuri bande, mfise amajambo atananirwa, yahamagawe k’umuhamagaro wo hejuru, nzobabwira IHISHURA RYANJE, ndi Ijwi ry’Imana kuri mwebwe, gumana n’inyigisho za Bande, ngiye kuzobahamagara UMUGENI, Atari si ibi, birya… turabikunda VYOSE

Iri ni iyerekwa ryanje. Ijwi ry’Imana kuri Bande ni ubugombe bw’Imana butunganye, IHEREZO RY’AMAJAMBO. Kuvuza ama bande ni ubugombe bw’Imana Butunganye, IHEREZO RY ‘AMAJAMBO. Murashobora kumviriza abavugabutumwa, abigisha, intumwa, abahanuzi, abungere, ariko ama bande ni, kandi ategerezwa kuba, Ijwi ngirakamaro cane mushobora kumviriza, IHEREZO RY’AMAJAMBO. Ijwi ku ma bande ni ryo Jwi ryonyene Imana Yivugiye Iti, NI MU MWUMVE, IHEREZO RY’AMAJAMBO.

BeneData na Bashiki banje, singwanya umuntu n’umwe, nshigikiye iryo Jwi gusa. Dutegerezwa, kandi nda, ndakunda abo bose bavuga ko bakunda kandi bizera ubu Butumwa. Naho mwumva ko mbwira abantu ibitari vyo mu Gufyonda Bakavuza, ndabakunda kandi ndizera yuko munkunda, twese dukeneye kuba mu bugombe bwayo butunganye. Ndabasavye mugume mukora ivyo Imana Yabahamagariye gukora, vuga ubutumwa, igisha, ba umwungere, bwira gusa ubusho bwawe ijwi ngira kamaro iryo ari ryo boshobora kwumviriza.

Iryo Jwi ryonyene kuri Bande rivuga ikintu kimwe BURI GIHE. Ntiryigera rihindura. Umugeni ashobora KUVUGA GUSA AMEN kuri buri jambo riri kuma Bande, ariko Umugeni ntashobora kuvuga amen kuri buri jambo rivuzwe n’uwundi muntu, IHEREZO RY’AMAJAMBO.

Namba utizera ivyo, nturi Umugeni. Namba wizera ivyo, rero ntuzogira ikibazo co kubwira ubusho bwawe ko kwumviriza ama Bande ari Ijwi ngirakamaro boshobora kwumviriza.

Mu gufata ibi vyashikirijwe numvise ku bavugabutumwa batandukanye bavuga yuko mbwira abantu kutumviriza abungere babo hamwe no kuvavanura n’amashengero yabo, IBI SI UKURI. sinokwigera mvuga ivyo kandi sinizera ivyo.

Ni ukuri ko benshi bariko baravuga ibintu ntigeze mvuga, kandi nta nizera. Sinzobibazwa, kiretse ivyo navuze kandi nizera. Naravuze vy’ukuri kumugaragaro hanyuma ndabivuga urudome ku rundi neza na neza ivyo nizera. Bobo / muriko murahengamika ivyo navuze / ivyo nashaka kuvuga.

Umugeni azovuga ico kintu nyene nta bantu babiri bavuga ikintu kimwe. Ijwi rimwe. Umuhanuzi umwe. Umugeni umwe.

Sinizera yuko mutegerzwa kwumviriza ubutumwa mu mwanya umwe, nk’uko abizera benshi kw’isi yose babikora, kugira babe Umugeni waYo, ariko nizera yuko mwotegerejwe kwumvuriza Ijwi ry’intumwa mu marayika w’Indwi kuw’iyinga mu gitondo… shiraho iryo Jwi UBWA MBERE.

Muratumiwe kuza kwumvirizanya hamwe natwe: Agashashara k’Indwi 63-0324E, kuw’iyinga isaha zitandatu z’umuhingamo isaha ya Jeffersonville, mu gihe igice c’umugeni kw’isi yose azoba ariko y’umviriza iryo Jwi kuri uyo mwanya umwe nyene.

MweneData Joseph Branham

Ivyanditswe vyo gusoma imbere yo kwumviriza Ubutumwa:

Gusubira mu Vyagezwe 29:16-19
1Abami 12: 25-30
Ezekiyeli 48:1-7, 23-29
Matayo 24:31-32
Ivyahishuriwe Yohana 7
Ivyahishuriwe Yohana 8:1
Ivyahishuriwe Yohana 10:1-7
Ivyahishuriwe Yohana 14

23-0903 Ibibazo N Inyishu Ku Dushashara

Ubutumwa: 63-0324m Ibibazo N Inyishu Ku Dushashara

Kuvoma Ubutumwa

Ibimenyeshejwe Ibimenyeshejwe ku bijanye n’ugusobanura mu zindi ndimi bikorerwa muri Branham Tabernacle

Mukunzi MweneData Branham

Ndizera n’Umutima wanje wose y’uko uri intumwa-mumalayika w’Indwi w’Imana yarungitswe guhamagarira Umugeni gusohoka. Uri Ijwi ry’Imana kw’isi Rifise Niko Uhoraho Agize. Ndizera y’uko uri uwo Yahisemwo kugira ahishure amabanga yose ya Bibiliya. Ndizera Buri Jambo wavuze ku mabande.

Ndafise ikibazo ku mutima wanje nipfuza kukubaza. Hariho abantu benshi, Amajwi menshi, avuga ibintu bitandukanye y’ivyo dutegerezwa gukora kugira tube Umugeni wa Yesu Kristo. Ndipfuza kuba mu bugombe bwiWe butunganye. Ndipfuza kugira ukwizera gutunganye. Nta muntu n’umwe ndwanya, ariko nkeneye kwumviriza ivyo uvuga.

Mbega n’igiki kizoshira Umugeni hamwe maze kikaduha Ukwizera kw’Izamurwa dukeneye ?

Nizera ko biciye muri iyo mituragaro ndwi, tuzohishurirwa mu minsi ya nyuma kugira Umugeni akoranirizwe hamwe kubwo Ukwizera kw’Izamurwa.

MweneData Branham afise imituragaro ndwi ingana n’amabanga ndwi yamaze guhishurwa ? Yoba yahishuwe mu dushashara ndwi, ariko akaba ataramenyekana kuri twebwe nk’imituragaro ?

Oya, yahishuwe mu Dushashara ndwi ; ico nico imituragaro ndwi yari yerekeye. Yategekanya guhishura… Imituragaro ndwi yasemereye n’amajwi yayo kandi nta n’umwe yashoboye gutahura ico yari yerekeye… Yohana yaramenye ico yari, ariko yarabujijwe kuvyandika. Yavuze ati, « Ariko umumalayika w’indwi, aho azoba agira avuze inzamba/asemerere, niho amabanga ndwi y’imituragaro ndwi azohishurirwa. » Kandi umumalayika w’indwi niwe Ntumwa w’igihe c’indwi c’Ishengero.

Imana Ishimwe. Ng’iyo inyishu yanje. Ibanga ry’imituragaro ndwi ryarahishuwe. Ni Ijwi ry’Imana kuri Bande kandi ubu Ririko Rirakoraniriza hamwe Umugeni hanyuma Riguhe UKWIZERA KW’IZAMURWA, dukeneye.

Urakoze , MweneData Branham, kwishura ikibazo canje. Narinzi yuko inyishu y’ikibazo canje narimfise ku mutima wanje yobaye kuri Bande.
Nivyo vyonyene nkeneye kumenya. Nzobandanya gufyonda mvuza buri munsi hanyuma mbere nshishikare kuronka UKWIZERA KW’IZAMURWA.

Nimuze muronke Ukwizera kw’Izamurwa hamwe natwe kuri uwu w’Iyinga Isaha zitandatu, isaha ya Jeffersonville(akaba ari isaha 12 z’umugoroba mu Burundi), mu gihe twumviriza : Ibibazo n’Inyishu ku Dushashara 63-0324M.

MweneData Joseph Branham