Ndakenguruka cane ko twumviriza umwungere wacu. Turi intama abereye umwungere. Turi ishengero ryiwe. Aya mabande yafashwe kandi yabikiwe twebwe. Turi abagenzi b’intumwa mumarayika wiWe w’indwi, n’abakundwa bakunzi b’Ubutumwa Bwiza. Turi abana biwe bavyawe kubw’Imana.
Umunsi umwe ubu butumwa bwaramuritse imbere yacu kandi twumvise Yesu Kristo Wawundi ejo, uno munsi no mu bihe bidashira. Vyahagije ukuryoherwa kwacu, kandi twagize inzara ya vyinshi. Ubu Butumwa, Ijambo ryiWe, Ijwi ryiWe, ni Umwami Yesu Kristo. Ni Bwo Bwonyene dukeneye, Bwonyene dushaka, Bwonyene dufise.
Namba uguhishurirwa ukwo ari kwo kwose kwerekanywe kuri twebwe kunyuranye n’Ijambo Ryanditse, ntituzokwigera tukwakira, kuko ni ivyo neza na neza Satani yakoreye Eva. Yari afise Ijambo, ariko yarondera umuco munaka mushasha, kandi Satani yabonye ko ategerezwa kuwuronka. Ntitwigere twifuza kwongera ikintu ico ari co cose kw’Ijambo ; ariko kuRireka gusa ukwo Rimeze. Gumana gusa n’Ijambo, kuko ico ari co cose kinyuranye ni ukutizera. Dutegerezwa KUGUMANA N’IBANGO RY’AMABANDE.
“Sinigeze nigisha ico ari co cose, mu muzima bwanje, cantera isoni. Sinzokura ku rubuga ibande n’imwe canke ivyafashwe mw’ijwi. Nzogumana ivyo Mpwemu Yera Avuga. Mbaho canke mpfa.” Singerageza kuvuga ibinyerekeye jewe ubwanje ubu. Ariko ngerageza gusa kubahereza ishusho y’ibiriko biraba, ku buryo muzobona kandi mutahure. Ni abantu bashaka kurongorwa n’umuntu.
Amabande ni yo Mpwemu Yera Avuga ko arongora Umugeni wiWe. Tubeshwaho n’Ijambo ryose kandi tuzopfa kubw’Ijambo ryose kuko Ni Ukwo Niko Uhoraho Avuze. Tuzokimbukira Ijambo ry’Imana naho vyosaba ikintu cose kiri mu buzima bwacu; tuzogumana n’Ijambo.
Ibande yose twumviriza itwegereza kuri We kandi iduhishurira vyinshi vy’Ijambo ryiWe. Iminsi yose ni ivyo dukeneye gusa vy’uwo munsi. Ntidushaka umuhungu wa Kish wo kuturongora, dushaka inzira yatanzwe n’Imana : umuhanuzi waYo.
Isengesho ryacu ni, “Ewe Mana dufashe ntituzokwigere tugiranira imyumvikano n’Ijambo rimwe. Tugume neza dutumbereye kuri rirya Jambo, kandi tuRibemwo. Ntiturazwa ishinga n’ibiza canke bigenda, ivyo uwo ari we wese wundi avuga canke akora, tugumane n’Ijambo ryaWe.”
Intambara zigenda zirushiriza gukomera buri munsi. Satani yakajije ibitero nk’ukwo bitigeze mbere. Arazi ko igihe ciwe kiri kw’iherezo, iminsi yiwe ubu iraharuwe. Isi iri munsi y’ububasha bwiwe, kubw’ivyo arwanya Umugeni. Rimwe na rimwe intambara igenda ikomera. Turarambiwe cane kandi turarushe kandi dusemerera tuti :
Iyo ni yo mpamvu tugumana n’amabande. Iyo ni yo mpamvu tuvuga ko William Marrion Branham ari umwungere wacu. Iyo ni yo mpamvu tuvuga ko turi ikoraniro ryiwe. Turi abo Imana Yamuhaye. Ego, turi UMWE MURI BO, IMANA ISHIMWE.
Namba wokwipfuza kuba igice c’ikoraniro ryiwe, FYONDA UVUZE. Namba wokwipfuza kwumviriza amabande hamwe natwe, turagutumiye kuza gufatanya natwe kuw’iyinga isamunani ku muhingamo, isaha ya Jeffersonville, igihe tuzofatanya n’abandi bizera bo kw’isi yose kandi twumviriza : Umwami Yanswe, Ubutumwa bwavuzwe mu gitondo kw’igenekerezo rya 15 ukwezi kwa rusama umwaka wa 1960. MweneData Joseph Branham.
P.S. Narasenze kugira ngo menye ivyo Data Yokwipfuza ko twumviriza mu nyuma. Numva Andongora kuvuza “Urukurikirane rw’Ubutumwa Kugirwa Samuragwa.” Natanguye gusenga kandi ndondera ubugombe bwiWe. Igihe naheza gusenga, narahagurutse, nuguruye Bibiliya gutyo gusa maze ntangura gusoma, hari mu b’i Galatiya 4:1-7. Data Yanyemeje kandi yishuye amasengesho yanje ubugira kandi.
Jewe n’abakozi ba VGR tuzoba twafashe umwanya wo kuruhuka mu mayinga atatu aza. Mu gihe c’akaruhuko, nzobarungikira gusa ikete rigufiya ry’icemezo c’ubutumwa tuzokwumviriza. Ndasavye muzonyibuke twe n’abakozi ba VGR mu masengesho yanyu.
Ivyanditswe vyo gusoma imbere yo kwumviriza ubutumwa : 1 Samweli igice ca 8 Uwera Mariko 16:15-18