Ndibuka nkiri umusore ndiko ndakura, ngerageza guhitamwo bande yo kwumviriza. Mu gihe naba ndiko ndasoma amazina y’ibitabu nama niyumvira nti: sinzokwumviriza Ukurongora n’Ukwahukana, mu gihe ivyo ataho bihuriye nanje; ari ivy’abubatse gusa.
Maze umunsi umwe, ndiko ndumviriza Ukurongora n’Ukwahukana, Data Yampaye Uguhishurirwa kw’ubwo Butumwa. Ugusigwa kwiWe kwaje mu mutima wanje. Yariko Aravugana nanje. Ubu butumwa NI ubwanje. YARIKO Arambwira ko Yantoye imbere y’uko isi iremwa. Uyu ni umunsi mukuru w’ubugeni bwanje. Nta wundi nshaka atari We. Ndi imvugakuri hamwe n’umwizigirwa kuri We, no kw’Ijambo RyiWe, no kw’Ijwi RyiWe, GUSA. Turi UMWE.
Mu vy’ukuri ubu Butumwa bwari ubwa beneData na bashikibacu bari barakoze ubukwe ubu bahukanye, kandi We Yarababwira ivyo bari bakwiye gukora; ariko hariho insiguro YIKWIJE IKOMEYE CANE, kandi ihambaye cane gusumba, y’inkomezi rwose zidasanzwe.
Hariho Umugabo umwe, kandi Yariko Arahamagara kandi Avugana n’Umugeni WiWe Yatoranijwe ari benshi. IJWI RY’IMANA RYARIKO RIRAHAMAGARA UMUGENI WIWE JAMBO W’INKUMI ATAGIRA AGATOSI, ATAVANZE. Uwutakozweko canke ngo Yanduzwe n’umuntu. Umwe w’imvugakuri kandi w’umwizigirwa kuri We no kw’Ijambo RyiWe vyonyene. Umwe Yari Ahagijwe rwose na We n’Ijwi RyiWe.
Kubera Ubuntu n’Imbabazi vyiWe, uno munsi turashobora kuvuga, ata gitutu na kimwe c’ugukekeranya, ko TURI UMUGENI IJAMBO WIWE W’INKUMI. UMWAMI ASHIMWE I!!
Yashaka kumenya neza ko hatoba ibintu bidasobanutse igihe hazoba hageze guhamagara Umugeni WiWe, ku buryo Yiyiziye ubwiWe kandi Yabaye mu mubiri w’umuntu kugira ngo Ahishurire Ijambo RyiWe kandi Ahamagare Umugeni WiWe Aze iWe. Ni We Yari Eliyezeri yagira aze guhitamwo Umugeni WiWe bwite.
Kugira ngo habeho ukumenya ata nkeka ko tutazoshikirwa n’ukuzazanirwa mu kumenya uwuriko araturesha, We ubwiWe Yaremeje igikoresho ciWe yatoye mu kuvugana na we ari mu gashururu kari mu giti. Hanyuma Yavuganye na we mu buryo buboneka ku ruzi Ohio imbere y’abantu ibihumbi.
Mbere Yarifatishije ifoto ari kumwe na we yo kwerekana no kubwira isi ati: NAKUBWIYE KO NOGARUKA KANDI NKABA MU MUBIRI. NAHISEMWO UYU KUGIRA MBE MURI WE, KUGIRA NGO NDAGUHAMAGARE NGO UBE UMUGENI WANJE. SI WE; NI JEWE MVUGIRA MURI WE. NKORESHA GUSA IJWI RYIWE KUGIRA NGO RIBE IJWI RYANJE KURI MWEBWE. NDI UWAGUHAMAGAYE NDAGUTUNGANYA KUGIRA NGO UBE UMUGENI WANJE ATUNGANYE.
Uguhishura kw’Ubu Butumwa, Ijambo RyiWe, Ijwi RyiWe, hamwe n’abo TURI BO ubu, birarengeye amajambo y’abantu kugerageza kubivuga. Ndazi ko uzi neza ivyo ndiko ndavuga. Izamurwa mu Kwizera biriko biraba. Umugeni Ariko Aritegura mu kwicara mu nyonga h’Imana ubwaYo, Atunganywa.
Mbega akaryo isi ifise ko kwumviriza Ijwi ry’Imana Rivugana na bo; kwicara no kwumviriza Ijambo ku Rindi igihe Avuga kandi Ahishura Ijambo RyiWe Atubwira abo turi bo. Nta kintu gishobora kugereranywa no kwicara imbere yiWe, rero n’uze wifatanye natwe ku munsi w’iyinga isaha zitandatu ku mutaga, kw’isaha ya Jeffersonville, (isaha icumi na zibiri ku mugoroba mu Burundi) mu gihe twumva Avugana n’Umugeni WiWe, Ubutumwa, “Ukurongora n’Ukwahukana” 65-0221M.
MweneData Joseph Branham
Ivyanditswe vyo gusoma imbere yo kwumviriza Ubutumwa:
Uyu ni wo munsi. Iki ni co gihe. Imana Yarungitse inkona yaYo y’inkomezi kw’isi kugira ngo ihamagare umugore waYo wa Yesu Kristo, kugira ngo Ivuge kandi Imubwire iti: “Uri UWO Natoye. Uri UWO Nkunda. Uri Umugeni Wanje w’inkumi w’Ijambo Ritunganye. Turi UMWE. »
Kwumviriza ayo majambo gusa, imitima yacu irasimba kubera umunezero. Kwiyumvira, ko mw’isi yose, hamwe n’amamiliyoni n’amamiliyoni yayo y’abantu, hariho Umugore wa Yesu Kristo UMWE Wenyene, kandi ni WEWE, UWO Ariko Araza kurondera.
Data Afise ahantu HAMWE yatoranije ho gusengeramwo, ni Umwami Yesu Kristo; Ni We Jambo. Uyu munsi, hariho ahantu HAMWE honyene urupfu rwa mpwemu rudashobora gushika: Ijambo. Urupfu ntirushobora gushikira Ijambo, kuko Ni Ijambo ry’Imana Rizima.
Uguhishurwa kwose kw’iryo Jambo Rizima kwahishuriwe gusa Umugore wa Yesu Kristo. Hariho ahantu HAMWE honyene hatoranijwe aho Umugore wa Yesu Kristo Ashobora kuja kugira Yumvirize IJAMBO RYAVUZWE RITUNGANYE. Hariho umuvugishwa UMWE gusa yatorewe kuba Ijwi ry’Imana. Hariho ahantu HAMWE honyene Umugore wa Yesu Ashobora kuja kugira Yumvirize, UKO NIKO UHORAHO AGIZE: GUFYONDA AKAVUZA.
Hazoba Umuco nko mu gihe c’akagoroba, ahantu honyene Imana Yatoranirije gusengera. Yooo, ubu Butumwa Bwaziye iki, Agiye gukora iki? Kandi muri iki gihe ciWe hazoba Umuco mu gihe c’akagoroba kandi (iki?) kugira asanganire abana biWe bagarutse i muhira mu Gihugu casezeranywe c’ukuri, mu kimenyetso nyene c’Inkingi y’Umuriro Yarongoye abana b’Isirayeli mu bugaragwa.
Umugore wa Yesu Kristo Yizera ko Amajambo Yumviriza ku ma bande ari Amajambo y’Umugabo WiWe. Yizera ko Ijambo Ryiwe Ridakeneye insobanuro. Gutyo, Yizera ko hariho ahantu HAMWE honyene hatanzwe Ashobora kuja kandi Akavuga AMEN kw’Ijambo Ryose, ni Ijwi ry’Umugabo WiWe ku ma bande.
Ubugira kandi, Umugore wa Yesu Kristo, kw’isi yose, Arashobora kuvuga Ati: «Uyu munsi, iri Jambo Ryavuzwe, Rirashitse».
Mana Mukunzi, hepfo hariya mu bugaragwa bwo muri Tucson, hariya muri California, haruguru yo muri Nevada na Idaho, hariya mu Buseruko no mu micungararo, hepfo muri Texas; mu gihe ubu butumire butanzwe, abantu bicaye mu—mu masengero matomato, aho bagurishiriza ibitoro, mu mihana, bariko barumviriza.
Muratumiwe kuza kwumviriza hamwe na Branham Tabernacle isaha zitandatu ku mutaga, kw’isaha ya Jeffersonville, (isaha icumi na zibiri zo ku mugoroba mu Burundi) mu gihe twumviriza Imana Ivugana n’Umugeni WaYo Yatoye, Ubutumwa: “Ahantu Ho Gusengera Imana Yatoranije” 65-0220.
MweneData Joseph Branham
Ivyanditswe : Gusubira mu vyagezwe 16:1 gushika kuwa 3.
Ubutumwa bwose twumviriza bumeze nk’iriba rya arutwaze ry’amazi ritembera mu bugingo bwacu; ritemba, risunika, no kubiragira gushasha riva ku Ntebe y’Imana. Turanywa tugasubira tukanywa tugasubira tukanywa, dusubiza itoto ubugingo bwacu.
Bene Data na Bashiki bacu, turi ugushitswa kw’Ivyanditswe bivuga ko Azogira Umugeni Jambo w’Inkumi. Turi: Uyu munsi iki Canditswe Kirashitse.
Imana ubwayo Yabwiye umumarayika waYo w’indwi Iri mw’ijuru Iti: “Nk’uko Yohana Umubatizi yarungitswe gutegura Ukuza kwa Kristo kwa mbere, Ubutumwa bwawe buzotegura Ukuza kwiWe kwa kabiri, mw’isi yose.” Umugeni Arashobora kuvuga ati: Uyu munsi iki Canditswe Kirashitse.
Mbega turashobora gutahura ko Ijwi ry’Imana nyene Ryavuzwe mu gihe cacu biciye mu kanwa k’umuntu, Ryafashwe mw’ijwi, Rikabikwa, Rikazigamwa kugira ngo Rishobore kubwira umwe wese muri twebwe, Uko ni ko Uhoraho Agize? Yaratumye bishoboka ko tudakeneye gufata ijambo ry’umuntu n’umwe, ivyiyumviro vy’umuntu n’umwe, ivyo umuntu n’umwe yibaza, turicara gusa maze tukumviriza Ijwi RyaYo Ritubwira Ridaciye ku ruhande Ijambo RyaYo Ritagira agatosi.
MBEGA N’IKI KIRIKO KIRABA UYU MUNSI?
Kandi uwo M-w-a-n-a nyene w’Imana aza mu buseruko maze Akiyemeza nk’uko Imana Yagaragaye mu mubiri, ko ari We M-w-a-n-a nyene w’Imana mu gice c’isi co mu burengero ng’aha, uwo YImenyekanisha mw’ishengero muri iri joro, Wawundi we nyene ejo, uno munsi, n’ibihe bidashira. Umuco wo ku kagoroba w’Umwana Waraje. Uyu munsi iki Canditswe Kirashitse imbere yacu.
MBEGA TURI MU BUGOMBE BW’IMANA BUTUNGANYE MU KUVUGA NO KWIZERA NGO : “KUVUZA AMABANDE NI INZIRA IMANA YATANZE KU MUGENI WAYO”?
NONE HARI IKINTU GIHAMBAYE KIRUTA KWUMVIRIZA AMABANDE?
Igihe cose muri bitatu, nk’uko nabivuze ejo mw’ijoro, Imana Iraserukirwa. Hari abanyasodomu, abo kwa Loti n’abo kwa Ababurahamu. Isi iteye ukwo nyene muri rino joro, ni aho iri neza na neza.
Murabe, Umwe Yagumanye na Aburahamu Yari Imana ubwaYo. Abandi babiri bari Abamarayika ntumwa.
NONE NINDE AVUGANA NATWE KUMA BANDE ?
Reka ndabaBaze ikintu kimwe. Raba uko bimeze bino, ubu. Aburahamu yise uwo Mugabo yavugana na we, “Elohim.” Ijambo ry’igiheburayo Elohim risobanura “Uwihagije, Uwuhoraho,” Elohim, Imana ubwayo!
BIFISE AKAMARO KI GUFYONDA UKAVUZA ?
… “umusi umwe Mpwemu Yera Azoza Akore ivyo nyene, kandi kuvuga ijambo rimwe ryo kubirwanya ntibizokwigera biharirwa.” Ivyo, ni muri kino gihe, aho Ijambo Ryose Ritegerezwa kuba kimwe. “Kuvuga ijambo ry’ukuYirwanya; ntibizokwigera biharirwa muri iyi si canke mw’isi izoza.”
Haleluya zacu z’iyinga riheze no guha icubahiro Umwami vyari gusa ukwitegurira ivyari bigiye gushika kuri uyu w’iyinga, mu gihe Umugeni Azosubira kuja hamwe no kwumviriza IMANA Idutera intege kandi Ituremesha ko turi abatowe baYo, kandi ko Iriko Iraza vuba kugira ngo Idutware mu Mazimano y’Ubukwe bwacu buhambaye hamwe n’Imuhira hacu ho muri Kazoza inyuma y’aho.
Uyu ni umusi Uhoraho Yashizeho; turawunezererwako tukawuhimbarirwako.
Nta hantu hahambaye kuruta ushobora kuja, nta Jwi Rihambaye kuruta ushobora kwumviriza; nta gusigwa guhambaye gusumba Ijwi ry’Imana Rivugana nawe ku ma bande Ridaciye ku ruhande.
Imana Yararinze Ijambo RyaYo kuva mu ntango kandi Yatanze ahantu abana baYo bose bashobora kuja bakaYumva Ivuga kandi Isigura Ijambo RyaYo bwite. Ahantu hatagira ugukekeranya, ata kwizigira, ata kwibaza; Ni ahantu Imana Yatanze ho kwumviririza UKO NIKO UHORAHO AGIZE.
Iyo biguhishuriwe, bimeze nk’umuco munini wacanywe mu mutima wawe no mu bugingo bwawe…uvuza induru uti: « iki ni co. Ndakibona. Ndi UMWE N’IJAMBO. NDI IJAMBO. NDI UMUGENI. NARASHITSE.”
Biriko biraba, kandi ntibabizi. Murabona, ni vyo. Murabona? Ego, mugenzi. “Kuko aho Umuvyimba uri, ni ho inkona zizoba zikoraniye,” nk’uko nyene isi iri. Murabona? Ico ni co bivuga. Umuvyimba ni iki? Ijambo. We Ni Ijambo, Umuvyimba, Kristo! “Kristo muri wewe,” Wawundi nyene ejo, uno munsi, n’ibihe bidashira. Ese ukuntu ari ukuri!
Mu gihe dukorana kugira ngo twumvirize Ijambo, imyitwarariko yose, imibabaro yose, ingorane zose, birazimangana ata camira. Turanezerwa mu gihe tubona ko ata na kimwe co kwiganyira; turi Umugeni WiWe. Ntari kumwe natwe gusa, ARIKO ARI MURI TWEBWE. TURI UMUGENI W’URUBUTO JAMBO. Vyose biratunganye. Igihe ciWe kiratunganye. Turatunganye.
Turanyuzwe cane kandi turakenguruka cane kuvuga ko turi Ijambo RyiWe Ryavutse ku nkumi Ryagaragajwe; Yesu Kristo Wa wundi nyene ejo, uno munsi, n’ibihe bidashira, Ariho kandi Agerera muri twebwe. Haleluya!
Ntidushobora kugira imyumvikano kw’IJAMBO NA RIMWE. Dutegerezwa kwumviriza Ijwi ry’Imana ku ma bande.
Woba warigeze kubona inkona igira imyumvikano ? Oya, mugenzi. Nta myumvikano muri yo. UmuKristo w’ukuri na we ni uko. Ntiyoroshe. Azohiga gushika abironse. Amen. Ego, mugenzi. Azoronka Inyama ziwe. Ashaka Manu nshasha. Azomanuka hariya kandi azokwimba gushika Ayibonye. Azorushiriza kuguruka hejuru. Nimba ata n’imwe muri iki kiyaya, izoduga hejuru gatoya. Uko uja hejuru ni ko ushobora kubona vyinshi. Rero ni igihe c’uko inkona z’uyu munsi ziguruka hejuru cane, zimba mu masezerano y’Imana, ntizibeho ku vyokurya vy’ibinyakabaka vyishwe imyaka iheze; muve muri vyo.
Itegure Mugeni, tuzoba turiko turarya iyo Manu nshasha, twicaye munsi y’ugusigwa gukomeye kuruta ukundi kwose kwigeze kubaho, kuri uwu w’iyinga isaha zitandatu ku mutaga, kw’isaha ya Jeffersonville (isaha imwe y’ijoro mu Burundi), mu gihe twumviriza: 65-0218 Urubuto Ntiruraganwa N’Igishishwa.
Turatumiye Umugeni wo kw’isi yose kwifatanya natwe kugira umunsi mukuru kubw’Inzira y’Imana Itunganye Yatanze y’iki gihe. Ahantu honyene UMUGENI Ashobora kuvuga amen kw’Ijambo Ryose. Aho ugusigwa kurengeye vyose kwa Mpwemu Yera kuvuga kandi gutunganya Umugeni WiWe mu Gufyonda no Kuvuza hamwe no kwumva no kwakira Ijambo RyiWe.
Ese ukuntu iyi mvugo y’iki gihe ari ukuri kandi ihambaye. Hariho amacakubiri menshi cane mu bahamagawe n’Imana. Mbega ni ngombwa cane kuvuza ama bande mw’ishengero kugira ngo umuntu yumvirize Ijwi ry’Imana, canke ubu ni ngombwa cane kubari mu gikorwa c’Imana kwigisha Ijambo?
Imana Yahamagaye kandi Ishira ubusuku hano kugira ngo Ijambo Rigume imbere y’abantu. Ni Abungere. Ijambo Ryigisha ibi. Ni abo kwubahwa no guterwa iteka nk’abantu Imana Yahamagaye kandi Yashizeho.
Ntidushobora, kandi ntidukwiye, kwigera tuvuga ko atari Umugeni. Ivyo ni IKINYOMA kandi ntibijanye n’ivyo umuvugishwa yatwigishije. Narumvise abantu bavuga bati: “Namba batavuza ama bande mu mashengero yabo, baba barwanya Ijambo.” Ntukwiye kwigera uvuga ikintu nk’ico. Ivyo binyereka ko ufise impwemu mbi.
Narumvise abandi bavuga ngo “Bose bategerezwa kwumviririza rimwe na BT atari uko bari inyuma y’ubugombe bw’Imana”. Ntukwiye na rimwe kuvuga ikintu nk’ico. Imana Yonyene ni Yo Izi uwuri Umugeni n’uwutari Umugeni. Iyo si impwemu y’Umugeni kuvuga ikintu nk’ico.
Mbere na bamwe mu bantu bumviririza rimwe na BT bavuga ngo, “niwaja mw’ishengero kwumviriza ama bande ntiwumviririze hamwe n’abandi mu nzu yawe ukora ibitari vyo!” Ivyo sivyo beneData na bashikanje. Namba uvuga ivyo, HAGARIKA, uvuga ibitari vyo. Umuntu wese ategerezwa gukora nk’uko YUMVA ARONGOWE N’UHORAHO GUKORA.
Abakozi b’Imana benshi bumva ko kuvuga ubutumwa ari inzira Imana Yatanze muri iki gihe. Tubona gusa ibintu ugutandukanye, ivyo ni ibisanzwe. Ni kangahe MweneData Branham yakoze iyo ngereranyo nyene? Duherutse kumwumva ku bibazo n’inyishu, igihe abantu bariko baravuga ko MweneData Jackson ari mu makosa, yarabaciriyeko iteka kugira ico bavuze kimurwanya n’ishengero ryiwe.
Ndiko ndavuga ubutumwa gusa mu buryo bw’iri kete ivyo nizera ko ari inzira Imana Yatanze ya Branham Tabernacle. Ni beneData na bashiki bacu. Barakunda Umwami n’ubu Butumwa. Uko ni ko bumva Umwami Ariko Arabarongora. Umwami Ashimwe.
Babibona mu buryo bumwe kandi tubibona mu bundi buryo, ni vyiza. Sinshobora kubibona mu buryo bwabo kandi ntibashobora kubibona mu bwanje. Kubwanje, hari uburyo bwinshi Imana Yatanze, ariko hariho INZIRA IMWE yonyene ITUNGANYE, KANDI KUBWANJE, IYO NI GUFYONDA UKAVUZA.
Ndasenga ko ntatahurwa nabi ng’aha. Kurambika ibiganza no gusengera abantu bijanye n’Ijambo 100%. Gusiga amavuta no gusengera abarwaye ni Ijambo ry’Imana Rijanye n’Ivyanditswe. MweneData Branham yaravuze ubutumwa kandi yaratwigishe twese kuba Ijambo. Ariko nshaka INZIRA ITUNGANYE Y’IMANA YATANZE….WIZERE GUSA KUKO IMANA YAVUZE UKO. Ivyo ni vyo ndiko ndihatira gukora.
Ariko ubu ku bijanye no gukira, ni imbabazi z’Imana gusa ko We, “Kubw’imishishagu yiwe mwakize.” Rero, Ijambo Rivuga gutyo, ivyo bikwiye kuba bihagije, ariko namba utavyizera mw’Ijambo, rero hariho ingabire mw’Ishengero, nk’abagabo bahumekewe kumenya ingene bigisha ivyo, ivyo bizotuma bigaragara neza cane, ni vyo, n’ukwizera ko kwizera.
Nizera igikorwa c’Imana kirimwo 5. Nizera ko Imana Yahamagaye abantu kuvuga ubutumwa no kwigisha Ijambo. Ariko, nizera ko kwumviriza Ijwi ry’Imana ku ma bande ari INZIRA Y’Imana ITUNGANYE KUBWANJE.
Mu kwumviriza ama bande, nta n’ubwo ntegerezwa gutahura, GUSA NIZERA IJAMBO RYOSE NUMVA. Nta muntu, nta mukozi w’Imana, nta handi hantu nshobora kuja aho nizera IJAMBO RYOSE kandi nkashiraho amerekero yanje y’ibihe bidashira, atari amabande.
Nta na rimwe kuva ku ntango y’igihe Imana Yigeze Iha abantu baYo akaryo n’ubushobozi bwo kwiyumvira Ijwi RyaYo Rivuga umunwa ku gutwi. Ibanga ryose rihishurirwa mu ma bande. Ikibazo cose gishurirwa ku ma bande. Ivyo Umugeni Akeneye vyose kugira ngo Atunganywe biri ku ma bande.
Ariko igihe—igihe utegerezwa gukora ikintu gitandukanye, igihe utegerezwa guhagarara ku kwizera kwawe kw’ico uzi ko ari Ukuri, ni ho hari ibigoye, ni ho bitagenda neza, aho nyene.
Nizera n’ibimbamwo vyose, ko turi mu Bugombe bw’Imana butunganye kandi ko turi mu bwato tuja i Ninewe. Nokwipfuza ko isi iza ikajana natwe mu bwato bwacu kuri uwu w’iyinga isaha zitandatu ku mutaga, kw’isaha ya Jeffersonville, (isaha imwe y’ijoro mu Burundi) mu gihe twumva Imana Ivugana n’Imyagazi y’Intama zaYo.
MweneData Joseph Branham.
Ubutumwa : 65-0217 « Umuntu Ahunga Mu Nyonga z’Uhoraho. »
“Hazoba babiri ku buriri ; Nzotwara umwe kandi Ndeke umwe ; na babiri mu murima, Nzotwara umwe Ndeke umwe.” Murabona ? Rero kumbure ba…Kw’isi yose, ntibazokoranira ahantu hamwe kugira ngo bagire ibintu bahuriyeko. Ariko utugwi dutoduto two muri bo tuzosanzarira kw’isi yose.
Rero mu buryo bw’umubiri, ntituzoba turi ahantu hamwe mu mwanya umwe. Ariko Imana Ishemagizwe, Yari Ifise mbere umugambi mwiza kuruta wo guhuza Umugeni WaYo.
Turasengera amashengero yose n’amakoraniro akoraniye ku—ku—ku tu mikoro dutoduto hanze, mu gihugu cose, gushika ku nkengera y’ikiyaga c’Uburengero, kuduga mu misozi ya Arizona, gushika mu biyaya vya Texas, gushika ku nkengera y’ikiyaga co mu buseruko, hirya no hino mu gihugu, Mwami, aho bakoraniye. Amasaha menshi aradutandukanya, ku mwanya, ariko, Mwami, turi kumwe muri iri joro nk’umuce umwe, abizera, turindiriye Ukuza kwa Mesiya.
Iki gihe, Ntakoranya Umugeni WiWe gusa Avuye muri iki gihugu honyene, ariko Ariko AraDUkoranya kuva mu migabane 7 y’isi. Kuva muri Afrika gushika muri Antarctique. Amerika y’Uburaruko na Amerika y’Epfo, Aziya, Australiya n’Uburaya. Ariko Arakoranya kandi Ahuza Umugeni WiWe nk’UMUCE UMWE kugira ngo twumvirize Ijwi ry’Imana.
Turategereje kandi turindiriye iki gihe c’ubwiza umunota wose w’umunsi uwo ari wo wose. Biri hafi cane bisa n’uko twoshobora hafi kubikabakaba. Nizera, n’umutima wanje wose, ko ibi arivyo biriko biratubako uno munsi:
Yooo, ubwo bumwe bwo muri mpwemu bwa Kristo n’Ishengero RyiWe ubu, igihe umubiri uriko urahinduka Ijambo, kandi Ijambo Ririko Rirahinduka umubiri, Rigaragazwa, Ryemezwa. Ivyo Bibiliya Yavuze nyene ko vyoshika muri iki gihe, biriko birashika ubudasiba. Yemwe, biriko birarundana cane hariya, muri ubwo bugaragwa, kandi ni ibintu biriko biraba, ku buryo bingora no kubikurikira. Turi hafi y’Ukuza kwa Yesu, ategerezwa kwiyunga n’Ishengero RyiWe, aho Ijambo Rihinduka Ijambo.
Ku Butumwa bwose twumviriza, Arushiriza kuduha Uguhishurirwa. Biriko birarundana vuba cane ku buryo bitugora gukurikira. Turabona Ijambo Rihinduka Ijambo nk’uko bitigeze kubaho. Nta gukekeranya na kumwe; mu Guhishurirwa, TURAZI neza na neza abo turi bo.
Ariko arahuza Umugeni WiWe nk’uko Yavuze ko Yobikoze, kandi turi igice cavyo. Turabona Biriko biraba n’amaso yacu bwite. Abandi boshobora kutabibona canke kutabitahura. Si ivyabo, NI IVYACU, TWEBWE ABANA BIWE YAVYAYE.
Umugeni Yari Afise ibibazo vyo kubaza uwo muvugishwa.
Mbega kwumviriza VYONYENE Ijwi ry’Imana riri ku ma bande birahagije? Imana YarishuYe kandi Yavuze ngo: EGO!!
Mbega abana bacu na bo bashobora kuronka ivyo bakeneye vyose kugira babe Umugeni wa Kristo mu kwumviriza gusa ama bande : EGO!!
Gutyo, ivyo Umugeni Akeneye vyose biri KU MABANDE.
Turazi kandi ko Imana Yatanze izindi nzira nyinshi cane ku bana bayo.
“Imishishagu yiWe ni yo idukiza.” Rero, ubwa mbere Ijambo Rivuga gutyo, ku buryo vyotegerejwe kuba bihagije, ariko namba utavyizera mw’Ijambo, rero hariho ingabire mw’Ishengero, nk’abagabo bahumekewe kumenya ingene bigisha ivyo, bazobigutahuza, ivyo nivyo, n’ukwizera kwo kwizera.
Ndipfuza kubatumira kuza kwifatanya na Branham Tabernacle kuri uwu w’iyinga isaha zitandatu ku mutaga kw’isaha ya Jeffersonville, (isaha imwe y’ijoro mu Burundi), mu gihe tuzokwumviriza: Ibibazo n’Inyishu #3 64-0830M.
Ese ukuntu ari vyiza cane kwumviriza Uguhishurirwa kw’Ijambo RyaYo no kumenya ko turi Ijambo Ryihaye umubiri.
Ibimenyeshejwe Ibimenyeshejwe ku bijanye n’ugusobanura mu zindi ndimi bikorerwa muri Branham Tabernacle
Bakunzi Biswi Vy’Inkona,
Aho Umuvyimba Uri, ni ho Umugeni Azokoranira hamwe. Kandi kuri twebwe, hariho ahantu hamwe honyene hatunganye dushobora kuronka iyo Manu y’inyama nshasha: mu gufyonda tukavuza no kwumviriza Ijwi ry’Imana ku ma bande.
Tuvuge kuri Manu NSHASHA, turanashobora gutangura kwiyumvira ivyo dufise nyene ku ntoke zacu? Ijwi ry’Imana nyene Rivugana n’Umugeni WaYo Mukundwa ku ma bande, aho ata gucacisha, ata kwibaza, ata kubaza ibibazo canke gukekeranya ko ivyo turiko turumviriza ari Imana, Ikoresheje ijwi ry’umuntu, kugira ngo Ivuge Uko ni ko Uhoraho Agize ku Mugeni WaYo.
Mu guhishurirwa, twizera ko ari ho hantu honyene tunashobora kuja kuruhura ubugingo bwacu kuko Amajambo twumviriza atari amajambo y’umuntu, canke insiguro yiwe canke iciyumviro ciwe congewe kuri Yo, ahubwo ni Ijambo ry’Imana Ritosoye Rivugana natwe Ibiswi vy’Inkona, Rihishura Ijambo RyaYo.
Ibimenyeshejwe Ibimenyeshejwe ku bijanye n’ugusobanura mu zindi ndimi bikorerwa muri Branham Tabernacle
Mukunzi Branham Tabernacle,
Ndaramukije Umugeni wa Yesu Kristo wo kw’isi yose, Yizera ko Branham Tabernacle, Ijwi ry’Imana, ari ryo shengero ryabo ryo mu karere aho bagaburirirwa mu buryo bwa mpwemu na Manu Yanyegejwe Yabitswe kandi Yazigamiwe Umugeni Wa Kristo.
Aha ni imuhira iwanje h’ifatiro; iki ni icicaro canje gikuru; ng’aha niho tugerereye. Rero, ubishire mu bwenge icoshika cose. Rero, namba uri umunyabwenge, uzofata ikintu kinaka. Icoba cose, iki ni icicaro cacu gikuru, ng’aha nyene!
Abizera benshi bama batahura nabi canke bagashira iciyumviro cabo canke insobanuro yabo ku vyo umuvugishwa yavuze ng’aha, ariko abwira Umugeni atomora ati, “Namba uri umunyabwenge, uzofata ikintu kinaka, iki ni icicaro cacu gikuru, ng’aha nyene!”
Iki gihe, abakozi b’Imana benshi bariko barabwira abantu ko mu kugira Ishengero ry’Amabande ryo muhira tuba turi inyuma y’Ijambo n’ivyo MweneData Branham yavuze ngo dukore. Bumva ko dutegerezwa kuja mu co bita kandi babona ko ari ishengero.
Hariho vy’ukuri amajambo menshi cane aho MweneData Branham avuga ibi mu buryo butomoye.
Kandi ndavyizera n’umutima wanje wose, kuko ari we yabivuze. Ariko nizera ko ivyo tubikora mu KUGIRA ISHENGERO RYA BANDE RYO MUHIRA. Ikibanza turimwo si co gihambaye ku Mwami. Iyo ni inyubakwa gusa. Ariko inshingano yacu ku Mwami ni ukugumana n’Ijambo RyiWe, SI IKIBANZA CANKE INYUBAKWA. Ico kibanza ntigikiza kandi ngo gitunganye Umugeni, NI IJAMBO RIBIKORA.
Reka nsubiremwo hano mvuge ko hari abantu ibihumbi n’ibihumbi batagira inyubakwa y’urusengero bajako. Mbega barazimiye? Namba badafise umwungere canke ishengero, ivyo bisigura ko badashobora kuba Umugeni? Namba uba ku birometero 160 vy’inyubakwa y’ishengero, utegerezwa kuja kuri urwo rusengero? Ariko namba mba kure cane, mbega ndategerezwa? Ntegerezwa kwumviriza umuvugabutumwa ku murongo wa internet (ikibiriraho), ariko sinshobora kwumviriza bande ku murongo wa internet (ikibiriraho)? Inyubakwa iboneka, umuvugishwa aravuga ko ari co kintu gihambaye kuruta ibindi vyose dutegerezwa kujamwo?
Ni hehe umuvugishwa yashaka kujana Umugeni ?
Namba udashobora kuza hano kuri tabernacle, rondera ishengero ahantu hanaka; genda kuri ryo.
Ubugira kandi, ni hehe hari amahitamwo yiwe ya mbere ho kurungika abantu? Kuri Branham Tabernacle, Ijambo, amabande. Ivyo ni vyo Imana Yahaye Umugeni WaYo ngo Akore muri iki gihe c’iherezo, kandi turiko turabikora iminsi yose NO ku munsi w’iyinga uwo ari wo wose.
Rero kugira sintahurwe nabi. SINDIKO NDAVUGA ko mutegerezwa kwumviriza ama bande hamwe na Branham Tabernacle kugira ngo mube Umugeni. SINDIKO NDAVUGA ko mutotegerezwa kuja mw’ishengero. SINDIKO NDAVUGA ko mudashobora kwumviriza abakozi b’Imana. Namba mwizera ivyo, muba muri kure y’Ijambo. Ndiko ndavuga ko kwumviriza Ijwi ry’Imana ku ma bande ari ryo Jwi Rihambaye cane MUTEGEREZWA KUMVIRIZA, kandi nizera ko umwungere wese yotegerejwe kuvuza Iryo Jwi, ama bande, mu mashengero yabo. Ariko baragize urwitwazo rwose rubaho rwo KUTAVUZA AMABANDE. Namba iryo ari ryo shengero ryawe, nturiko urafungura Ijambo.
Ibi biragaragara ko ari vyo atashaka ko bishika kandi n’ivyo abantu bariko barakora.
Namwebwe, muje ku rushengero; ntimugume i muhira, ntimuje kuroba, ku ruhigi, n’ibintu nk’ivyo ku munsi w’iyinga.
Ntitubikora. Duhurira hamwe ku kintu conyene kizohuza Umugeni, Ubu Butumwa, Iri Jwi.
Ubugira kandi, jewe nizera kuja ku rushengero. Hari amashengero menshi kw’isi yose ariko arashira imbere ama bande kuri alutari zayo, Umwami Ashimwe. None nizera ko utegerezwa kuguma i muhira atari uko nturi Umugeni? OYA, OYA, OYA….Sinigeze ndavyiyumvira, sinigeze ndavyizera. Nshaka gusa ko MUFYONDA MUKAVUZA aho mwoba muri hose canke urushengero mujamwo.
Bandanya. Turabona ng’aha, avuga ati: “Twoja mu rundi rushengero rutemeranya nawe?” Ata nkeka, si…Si jewe buye ryonyene riri kw’isesero y’ikiyaga, murabizi. Hariho—hariho nyene abandi bagabo bubaha Imana ahantu hose; Nizigiye ko ndi umwe muri bo.
Ijwi ry’Imana Riri ku ma bande Ni IBUYE RYANJE, URUTARE RWANJE. Ni Ryo Jwi nshaka kwumviriza kandi niryo Jwi nshaka ko Branham Tabernacle yumviriza.
Namba mwipfuza kwifatanya natwe, murahawe ikaze cane beneData. Mwifatanye natwe ku munsi w’iyinga isaha zitandatu ku mutaga, kw’isaha ya Jeffersonville, (isaha imwe y’ijoro mu Burundi) mu gihe twumviriza Ijwi ry’Imana Rivuga kandi Ryishura ibibazo vyinshi mwoba mufise ku mutima wanyu. Kandi mwumvirize mwebwe nyene namba ivyo navuze muri iri kete bivuye mw’Ijambo canke namba natahuye nabi ivyo Imana Ibwira Umugeni WaYo.
Ivyo avuga ku ma bande ni Uko Niko Uhoraho Agize. Si ivyo mvuga ko avuga, canke ivyo nizera ko avuga, kandi Imana YONYENE ni Yo Ishobora kuguha Uguhishurirwa kw’ukuri.
Ibimenyeshejwe Ibimenyeshejwe ku bijanye n’ugusobanura mu zindi ndimi bikorerwa muri Branham Tabernacle
Mukunzi Mugeni wa Kristo, reka dukoranire hamwe kuri uno w’iyinga isaha zitandatu ku mutaga kw’isaha ya Jeffersonville (isaha imwe y’ijoro mu Burundi), kugira twumvirize 64-0816 Ukwemeza Ijambo RyaYo