Category Archives: Uncategorized

23-0827 Agashashara ka Gatandatu

Ubutumwa: 63-0323 Agashashara ka Gatandatu

Kuvoma Ubutumwa

Ibimenyeshejwe Ibimenyeshejwe ku bijanye n’ugusobanura mu zindi ndimi bikorerwa muri Branham Tabernacle

Mukunzi Muhanuzi w’ihanga ry’Imana ,

Ni mwumvirize, ndafise ikintu kinaka co kubabwira. Ni vyiza cane, vy’ukuri biriko birarurumbira mu mutima wanje. Ndizera ko mutavyibagiye, murabona. Reka mvugire ibi, mu nyonga hiWe. Kubw’ubuntu bwiWe, Yanyemereye ngo nitegereze ihanga ryiWe,riri mu makanzu yera, nta gihe kirekire kihaciye.

Kuva mu buseruka ugana mu burengero, mu gihugu cose, dukoraniye hamwe. Turatandukanye ku masaha menshi, ariko turi hamwe nk’ihanga ry’umuhanuzi w’Imana. Turi UMWE.

Igihe umuhanuzi w’Imana yari hano kw’isi, ahantu honyene hahambaye Umugeni yipfuje kuba, kwari ugufataniriza hamwe ku buhinga bwa Telephone, arindiriye kwumviriza ijwi rivuga riti, « Mwaramutse Bagenzi. »

Mbega ukuntu bokunze kw’icara muri barya bantu mu mfuruka y’ibarabara Penn n’iry’umunani. Boshobora kuba baramaze ijoro ryose ahantu kugira baronke icicaro, canke kugira bashobore guhagara maze begamire impome amasaha manaka. Botegerejwe kuba baragurishije ivyo bari bafise vyose, bagatakaza ubuzi bwabo, asangwa vyari gushobora kubashikira kugira ngo babe muri co gikorane.

Ubuzima bwabo bwose bwisunga ijambo ryose umuhanuzi yavuze. Ntiboshatse guhomba ikintu na kimwe. Naho bari bazi yuko umunsi umwe bazoshobora kuronka Bande, bashaka gufatanya n’umugeni mu gihe Imana Yaba iriko iravugira mu munwa w’umuntu.

Ibi vyari ubuzima bwabo. Ibi nivyo barindira indwi yose. Nta kintu na kimwe cari gifise insiguro kuri bo kiretse kwumviriza Ubutumwa bukurikira. Mbega ukuntu bari banezerewe mu gihe babimenye, Rero, bari bafise amahigwe yo kumviriza ubwabo, bose mu mwanya umwe, ijambo kw’ijambo, ivyo umumarayika muhanuzi w’indwi w’Imana.

Imana yarateguye inzira. Yashatse ko Umugeni waYo yokoranira kw’Ijwi ryaYo. Yashatse umugeni waYo ko yo kwumviriza Ijwi ryaYo mu mwanya umwe. Yari Izi ko Ijwi ryaYo ryavuzwe biciye mu ntumwa mumarayika waYo ryari iryo jwi ryonyene ryoshobora kugoraniriza hamwe Umugeni waYo

Umugambi waYo uhambaye wariko urashika

Abungere bo muri Leta zunze ubumwe za Amerika bagerageje uko bashoboye ku mashengero yabo kugira akoranire hamwe kubwo ubuhinga bwa Telephone.

Bari baracakiye imbono y’uko ata kindi kintu cari ngira kamaro gusumba kwumviriza iryo Jwi.

Ivyo nivyo bari bigishije amashengero yabo. “ Imana Yarungitse Umuhanuzi afise Niko Uhoraho Agize. Yagaragajwe n’inkingi y’umuriro. Iri ni Ijwi ry’Imana kuri mwebwe. Ni Malaki 4, hamwe n’Ivyahishuriwe Yohana 10:7. Ni we muntu Imana Yahamagaye kugira ngo arongore Umugeni waYo. Uwu niwo muhanuzi Nababwiye. Rero twese dutegerezwa kumwumviriza. Nka Yohana wo mu bihe vya kera, ntegerezwa kugirwa muto nawe abe mukuru.

Umugambi w’Imana Urabandanya gushitswa. Umugeni abandanya gukoranira hirya no hino y’Ijwi ryaYo. Ariko rero DUKORANIRA KW’ISI YOSE. Buri w’iyinga, igice c’umugeni waYo kirindiranye igishika co kwumviriza Ijambo ryose, mu mwanya umwe.

Nkumbure twarumvirije Ubutumwa incuro nyinshi mbere, ariko iki gihe twumva nkuko umenga NI UBWA MBERE. Turazi yuko tugiye kuronka uguhishurirwa GUHAMBAYE gusumba mbere.

Nta kindi kibanza dukeneye kubamwo. Nta kindi ngirakamaro. Kuri twebwe, ibi ni biriya. Uwu ni umugambi w’Imana kuri TWEBWE. Iri Jwi ririko rirahamagara, rikoranya Ryongera kandi ritunganya Umugeni waYo … TURI UWO MUGENI.

Ndabatumiye kwifatanya natwe uwu w’iyinga, isaha zitandatu z’umuhingamo isaha ya Jeffersonville, akaba ari isaha cumin a zibiri z’umuhingamo mu Burundi mu gihe tuzoba dukoranye maze TWUMVIRIZA Ijwi ry’Imana igihe azoduhishurira : Agashashara ka Gatandatu 63-0323.

mweneData Joseph Branham

ivyanditswe vyo gusoma imbere yo kwumviriza Ubutumwa :

Kuvayo 10:21-23
Yesaya 13:6-11
Daniyeli 12:1-3
Matayo 24:1-30
Matayo 27:45
Yohana 10:27
Ivyahishuriwe Yohana 6
Ivyahishuriwe Yohana 11:3-6

23-0820 Agashashara ka Gatanu

Ubutumwa: 63-0322 Agashashara ka Gatanu

Kuvoma Ubutumwa

Ibimenyeshejwe Ibimenyeshejwe ku bijanye n’ugusobanura mu zindi ndimi bikorerwa muri Branham Tabernacle

Mukunzi, Mugeni, Jambo ritunganye,

Imana Yararungitse ubushobozi bwaYo Bwa nyuma. Yarungitse Inkukuma ihambaye kudushumbusha kugira dusubira ku kw’abaData. Iki ni igihe c’Inkukuma. Ntihakiri ibiti. Nta ntumwa zigihari. Nta mugwi w’abantu ukihari. Nivyo vyose. Turi Ijwi ry’Ivyahishuriwe Yohana 10 :7 Ryarashitse kandi yakoresheje umuhanuzi nkukuma waYo ahambaye kugira ahamagarire umugeni gusohoka.

Namba mwariko murumviriza umwungere wacu uw’iyinga uheze, Imana ni Inkukuma Ihambaye. Mwarashoboye kumwumva ababwira nk’uko Yatubwiye ati,
« Muri wa mugwi uzofata iyo mituragaro ndwi ; Ijambo ry’Imana ry’ukuri, ritoya kandi rikataguwe, hanyuma mbere ryegereye amajuru. Murashobora kunumisha ibi, canke mugakora biriya, ivyo mushaka vyose. Umwansi yicwa n’Ijambo riva mu kanwa kawe, kuko rikarishe kuruta inkota y’ubugi bubiri. Mwari gushobora guhamagara amatoni amajana y’amabillioni y’isazi asangwa mwarimubishaka ico ari co cose muvuga kizoshika, kuko ari Ijambo ry’Imana rivuye mu kanwa k’Imana. Ni Ijambo ryiWe, ariko yama ikoresha umuntu kugira arikoreshe. »

Mbega ni gute novuga nshimitse akamaro ko gufyonda mukavuza ; mukumviriza Inkukuma y’Imana Yarungitswe ? ubu butumwa ni ingirakamaro cane, buratunganye… BURATUNGANYE RWOSE, kuburyo itashobora kuvyizera no ku mu Malayika. Nta wundi muntu yarahari, nta wundi mugwi w’abantu, nta NUMWE yarikubiha, KIRETSE UMUHANUZI NKUKUMA WAYO AHAMBAYE.

Turashobora kubivugako , kuvyigishako, mbere no kubivugako ubutumwa, ariko hariho IJWI RIMWE GUSA rifise « Niko Uhoraho Agize, » kandi utegerezwa kwizera ijambo ryose. Kandi hariho ijwi rimwe gusa ushobora gushiraho amerekero yawe y’ibihe bidashira. Hariho IJWI RIMWE Imana yahisemwo kugira rirongore Umugeni waYo, kandi umugeni, kandi UMUGENI WAYO GUSA NIWE AZORONKA UKWO GUHISHURIRWA.

Hariho umuhanuzi nkukuma umwe yahisemwo imbere y’ugushirwaho kw’isi kugira ngo ahishure IJAMBO RYIWE RYOSE… WILLIAM MARRION BRANHAM, kandi we, kandi we wenyene, niwe ntumwa nkukuma w’Imana w’iki gihe. We kandi we gusa, niwe yarunggitswe kugira arongore Umugeni w’Imana.

Umuhamagaro wanJe canke umuhamagaro w’abakozi b’Imana abo ari bo bose, ni ikintu kimwe gusa: KUBARONGORERA KURI WE, INKUKUMA Y’IMANA IHAMBAYE. Uwo yahisemwo, uwagaragajwe kubwo inkingi y’umuriro yaYo. Uwo yahisemwo igihe yugurura ca Gitabu, hanyuma amena twa Dushashara, maze aKirungika kw’isi,kugira ngo tuGihishurirwe, ihanga ryaYo.
Amajambo yavuze kuri bande si amajambo yiwe, ni ivyiyumviro vy’Imana vyavuzwe kandi vyafashwe amajwi kuri bande kubwo umugeni waYo kugira ngo vyumvirizwe; kandi MWEBWE gusa umugeni waYo niwe afise uguhishuriwa kwavyo.

Umugeni, nimuvyiyumvire gusa, twarashitse. Nta kindi. Ubushakashatsi bw’ubumenyi bwarabigaragaje. Icemezo c’Ijambo carabigaragaje. Kandi turi hano! Kandi uku guhishurirwa kuva ku Mana. Kandi ni Ukuri. Hanyuma kubera mwaGutahuye, turi abahungu n’abakobwa baYo bashumbushijwe vy’ukuri.

Nta kwiyumvira ukundi. Nta kwibaza ukundi. TURI IJAMBO MUGENI RITUNGANYE. Twaratahuye abo turi. Turi bo, kubwo Ubuntu bw’Imana , yaretse inkukuma yaYo kugira ngo ibone abambitswe Imvune zera bose.

Gira umwete mugeni. Turi hariya. Turashobora kuvyumva. Ni ivyo ukuri kuri twebwe gusumba uko vyari biri mbere. Umwansi aratwanka, ARIKO IMANA IRADUKUNDA. Ntari kumwe natwe gusa, ARI NO MURI TWEBWE. TURI IJAMBO RYIWE RYIHAYE UMUGENI.

Ariko aremeza satani, KO TUDASHOBORA, KANDI TUTAZOKWIGERA TUNANIGWA. Hariho UKWIZERA gusa kandi nta gukekeranya. Dufise UKWIZERA GUSA. Atari muri twebwe, MW’IJAMBO RYIWE, kandi ntirishobora kunanirwa. Kuki? TURI IJAMBO. Imana niko Yavuze!!

Ntiwamuhisemwo, YARABAHISEMWO. Ni gute satani yogira ico abagize, IMANA YARABAHISEMWO. Yarabahisemwo kuko mutoshoboye kunanirwa kwizera Ijambo ryiWe. Satani ababwira ati, “ariko murananirwa, murananirwa, murananirwa” … muri mu ukuri, ndananirwa mu mubiri wanje ariko naratsindanishirijwe, kandi sinzo nanirwa kwizera BURI JAMBO.

Turageragezwa kandi duca mubigeragezo kubwo IMANA, rero irashobora kuvyemeza k’umwansi waYo ari we wacu… TURI UMUGENI JAMBO WAYO ATUNGANYE

Reka Mpwemu Ahambaye yuzure mu mazu yanyu, mu mashengero yanyu, canke aho ari ho hose muzoba muri uwu w’iyinga isaha zitandatu z’umuhingamo isaha ya Jeffersonville(isaha 12 z’umugoroba mu Burundi), mu gihe tuzoba turiko turumviriza Inkukuma y’Imana ihambaye ituzanira uguhishurirwa ku: Agashashara ka Gatanu 63-0322.

MweneData Joseph Branham

Ivyanditswe vyo gusoma imbere yo kumwiriza ubutumwa

Daniyeli 9:20-27
Ivyakozwe n’Intumwa 15:13-14
Abaroma 11:25-26
Ivyahishuriwe Yohana 6:9-11 / 11:7-8 / 22:8-9

23-0813 Agashashara ka Kane

Ubutumwa: 63-0321 Agashashara ka Kane

Kuvoma Ubutumwa

Ibimenyeshejwe Ibimenyeshejwe ku bijanye n’ugusobanura mu zindi ndimi bikorerwa muri Branham Tabernacle

Bakunzi Bana b’Inkukuma,

Ijwi ry’Imana Ririko Riradushira hejuru kuruta uko twari turi mbere, kandi Ihishura Ijambo ryayo. Twashize utunwa twacu mu mababa yaYo y’inkomezi mu gihe Iriko iratujana Hejuru mu kirere. Turiko twinjira hejuru mu bicu vyo mu kirere. Turashobora kubona mu bihe bidashira. Ni ihishurirwa ryose kuri twebwe. Uko Idutwara hejuru niko ibintu bigenda bigaragara. Dusemerera tuti, « NDABIBONA… NDABIBONA .

Ubu yaratwaye amababa yayo y’inkomezi, Irabaramutsa maze Itubwira iti, « NIMUGURUKE MWEBWE, GURUKA. » Ubwa mbere twaratinye. Umwansi yujuje mu vyiyumviro vyacu ugukekeranya kwinshi. Sinshobora, sinshobora gusa. Rero twaramwumvise asemerera maze umuturagaro utuzako uti, « MURASHOBORA, MURI ABANA B’INKUKUMA BANJE, NIMUTANGURE GUSA GUKUBITa AMABABA YANYU !! »

Rero, ubwo nyene ayo mababa yose yaciye atangura gutatabiza. Uko twumviriza Ijambo ryayo kenshi bitugaragaza abo turi, hamwe n’ivyo gukora, ni nako amababa yacu aba manini. Paa, paa, paa… Fyonda muvuze, Fyonda muvuze, fyonda muvuze…Rero ubwo nyene, twaragurutse. Turi Inkukuma.

Igihe ubwoba bukeyi bugerageje kwinjira mu vyiyumviro vyacu, Duca twitegereza hirya no hino hanyuma tugatangur kwumviriza Ijwi Ryiwe. Ng’uko, agurukira hafi yacu kugira adusame igihe twotangura gutembagara. Twaratahuye ko ata kintu twotinya, Papa Inkukuma Ari kumwe natwe. Ariko yitegereza intambuko zose tugira. Ntashobora kureka ikintu na kimwe ngo kidushikeko.

Mbega ubwigenge n’ivyizigiro tutigeze tugira mbere. Abandanya atubwira ati, muri Abana banje b’inkukuma. Murubaha kandi muriko murakora neza na neza ivyo nababariye gukora mu kugumana n’Ijwi ryanje nabasigiye.

Irazi igihe Ibabwiye ikintu kuri Bande, Tuzogikora kuko turazi ko ari Ijambo ryayo. Izorihagararira. Naho ryanditswe muri Bibiliya, Izorihagararira uko biri kwose.

Turazi, namba biri hanze y’iyo, Izobihishurira Umuhanuzi wayo, turatahura ko amabanga yose y’Imana yahishuwe n’amuhanuzi wayo kandi wenyene gusa, kandi ikintu cose dukeneye kumenya kiri kuri Bande.

Vuga ibijanye n’ubushobozi bw’Ihishurirwa buzana ugukaburwa.. Dushaka kubikankamira cane n’amajwi yacu. Dushaka yuko isi ibimenya, Ndi Inkukum-Bande !

Ivyiyumviro vy’Imana vyahindutse ukuremwa igihe vyaserurwa, kubwo Ijambo. Aho niho yabibashikirije nk’iciyumviro, Iciyumviro ciwe, kndi vyahishuriwe mwebwe. Rero, kigum ari iciyumviro gushika mukivuze.

Twarabihishuriwe. Imana Ishimwe. Kandi dushaka kubivuga. Turi Umugeni wa Yesu Kristo. Yaranzi , yarantoranije imbere yuko isi ishirwaho. Ndi Ijambo ryiwe Rizima ryihaye Umubiri. Yambwiye USABE kandi woronka. Kudodora, hazokugururwa. Ivyo dukeneye vyose, TUBISABE.

Iki ni igihe c’Inkukuma kandi turi Abana b’Inkukuma. Ntitwari bwigere tunezerwa canke ngo duhazwe nk’uku mu buzima bwacu. Nta bwoba, nta myitwarariko.

Ndabatumiye kuza kugurukana natwe hejuru uyu w’Iyinga isaha zitandatu z’umuhingamo, isaha ya Jeffersonville(Isaha 12 z’umugoroba mu Burundi), Mu gihe Imana- Nkukuma Y’inyenkomezi Izoba Iriko iratubwira kandi Iduhishurira Agashashara ka Kane 63-032

MweneData Joseph Branham

Ivyanditswe vyo gusoma imbere yo kwumviriza Ubutumwa

Matayo 4
Luka24:49
Yohana 6:63
Ivyakozwe n’Intumwa 2:38
Ivyahishuriwe Yohana 2 :18-23, 6 :7-8, 10 :1-7,12 :13, 13 :1-14, 16 :12-16, 19 :15-17
Itanguriro1:1
Zaburi 16:8-11
2Samweli 6:14
Yeremiya 32
Yoweli 2:28
Amosi 3:7
Malaki4

23-0806 Agashashara ka Gatatu

Ubutumwa: 63-0320 Agashashara ka Gatatu

Kuvoma Ubutumwa

Ibimenyeshejwe Ibimenyeshejwe ku bijanye n’ugusobanura mu zindi ndimi bikorerwa muri Branham Tabernacle

Mukunzi Mugeni wakabuwe,

Nimwitegure, Uyu w’iyinga muzoronka ugukaburwa kurushirije kubwo uguhishurirwa gusumba uko mwigeze kuronka mu buzima bwanyu. Muzoba muriko muranywa kw’Ijambo. Bizoba ari vyiza cane, kandi bitomoye… kandi binatahuritse igihe Ibivuga. Kandi hariho uburyo bumwe bwo kubironka, Mutegerezwa gufyonda mukavuza!

Tora Amabande, yumvirize mutekereje. Kuko, Kuko muzobironka kuri bande, kuko bamye bavuza izo bande, rero ni nziza kandi ziranatahuritse. Rero, Rero muzobitahurira neza hariya.

Ni iki Intumwa Mumalayika w’indwi yavuze ? Uwo Imana Yahisemwo guhishura amabanga yose ya Bibiliya ; Uwo yahisemwo kugira ahishure Udushashara indwi, imituragaro, n’Ijambo ryiwe ryose. Umumalayika yahisemwo kugira ahamagare Umugeni wayo gusohoka. Uwo yahisemwo kugira ngo abe Ijwi ryiWe mu minsi yanyuma.

Reka dusome ubugira kandi kirya canditswe kugira dutahure ivyo Yatubwiye gukora.

« Muzobironka », HEHE ?
« Muzobironka bitahuritse », HEHE ?

Vuga akamaro ko gufyonda ukavuza hamwe no kwumviriza Amabande. IMANA ISHIMWE! Iri si Ijambo ryanje, Iri ni IJAMBO RY’IMANA Ibwira Umugeni Wayo, BIRONKE HARIYA…. KU MABANDE. Bavugabutumwa, mumve inyuma.

Ni gute umuntu yovuga ko yizeye Ubu Butumwa maze akavuga ko kuvuza Bande Atari ikintu GIHAMBAYE Umugeni yoshobora gukora? Mbega ni gute umwungere yoshira hejuru Ivugabutumwa ryiwe gusumba iry’umuhanuzi ? Si kubivuga gusa … Ndiko ndabikora ubu nyene, ariko kuvuza iryo Jwi kugira Ubusho bwiwe bushobore “ KUBITAHURA NEZA HARIYA.”

Ivugabutumwa rihambaye mw’isi ni Ivugabutumwa rya Bande. Nta kintu gihambaye gusumba gufyonda ukavuza. Hariho Ijwi rimwe gusa ryagenywe kuba Niko Uhoraho Agize ku Mugeni Wiwe, Ijwi kuri Bande.

Reka ndabitomore ubugira kandi. Sindwanya Umuvugabutumwa uwo ari we wese yigisha, kandi siniyumvamwo ko umuvugabutumwa atoshobora kuvuga ubutumwa canke kwigisha. Ariko kubwanje ni igikorwa canje, nahamagariwe kubwira isi kwumviriza Ijambo ryihaye umubiri, ryafashwe mu majwi kandi ryabitswe kuri Bande. Ni zerako ari Ijwi ry’Imana, kandi RYO, kandi RYONYENE, Ryishura ibibazo vyose. Rizobaha ibintu vyose mushaka, harimwo n’Ukwizera kw’Izamurwa, Kuko ARIKO UHORAHO AGIZE.

Umugeni ntakeneye Ijambo ryanje, ndiko ndavuga Ijambo nk’abandi bavugabutumwa. Wewe ushikiriza maze ukavuga ukuntu ari ngirakamaro kwumviriza Ivugabutumwa ryawe n’umuhamagaro wawe, Umwami Ashimwe. Ndiko ndabwira abantu Ivugabutumwa RIHAMBAYE ko ari Ijwi ry’Imana kuri Bande. Nta kindi kintu gihambaye kuRiruta. Ntibategerezwa kugira ikindi kintu.

Sindiko mvuga ibi kubantu kugira bagire inyifato Atari nziza canke ingeso Atari yo ku muvugabutumwa canke kw’ivugabutumwa, Imana Iravyanka. Ndabakunda. Ni BeneData. Imana yashize umuhamagaro ku buzima bwabo. Sinokwubahuka kuvuga nabi abantu basizwe n’Imana. Ariko ngoberewe no kuvuga ko abantu benshi bashize ugukavya kw’ivugabutumwa ryabo ntibashira Ijwi ry’Imana kuri bande nk’IJWI NGIRAKAMARO Umugeni ashobora kwumviriza.

Mvuga gusa nti, “Subiza MwneData Branhama kuri Alutari zanyu,”Kandi abavugabutumwa benshi barishize hejuru mu kuvugako MweneData Branham atigeze avuga ivyo kuri Bande, Kandi ngo bahamagariwe gufata Ijambo maze barihe abantu; BAGIRA IVYITWAZO VYO KUTAVUZA BANDE MU MASHENGERO YABO .

Bavuga bati, ni amakosa igihe umwungere avugije bande mw’ishengero , bakosora abantu mu kuvuga bati, asangwa bumviriza bande mu mashengero, si abakozi bImana , si Umugeni.

Narumvise ivyitwazo vyinshi bakoresha kandi babwira abantu. Gusa ntibazobwira abantu babo bati, AMABANDE NI IKINTU NGIRAKAMAARO MUTEGEREZWA KWUMVIRIZA” Asangwa abantu boca bibaza … “ Rero kuki tutavuza amabande mw’ishengero ryacu namba ari ngirakamaro?

Uwu niwe twumviriza kuw’iyinga:

Imana Yigaragaje Ubwayo mu Muntu, Imubwira uwari inyuma yiwe; Kandi ivyo Sara yakoze, yatwengeye mw’ihema. Kandi ibi vyanditswe vyose, vya Malaki, n’ibindi , vyarahanuwe mu minsi yanyuma. Abaheburayo 4 havuga hati, “Ijambo” ni Ryagaruka. Malaki 4 havuga ko Rizogarukana inzira y’umuntu

Iryo Jambo ryagarukanywe n’Umuntu kandi dufise Ijwi ryiwe ryafashwe kuri bande kandi turyumviriza BURI W’IYINGA.

Ndanezerewe no kubamenyesha ubugira kandi , uwu w’iyinga isaha zitandatu ku muhingamo, isaha ya Jeffersonville (ISAHA 12 Z’UMUGOROBA MU BURUNDI), tuzoba turiko turumviriza Ijabo ryihaye umubiri maze rifatwa kuri bande. Riduha ihishurirwa ku: Gashashara ka Gatatu 63-0320.

Mbega igihe tuzogira, Umugeni. Mbega umunezero uzuzura imitima yacu. Mbega amahoro azoremesha ubugingo bwacu, mu gihe tuzokwumviriza ivyo Imana ubwayo yabwiye Satani , “ Bavemwo. Igihe ucakiye umwe muri bo, ubusho bwanje bwuzuye amavuta yiWe n’umuvinyu w’Ijambo ryiWe ritunganye, Ntubasunikire kuvuga , “ Mwaramutse Mariya” canke za nemera zinaka. Ntubakoreko. Barazi iyo bagiye, kuko basizwe amavuta kandi bafise umuvinyu w’umunezero, kuko barazi Ijambo ryanje ry’isezerano. Ngiye kubahagurutsa ubugira kandi.” Ntubagore. Ntugende kubabuza amahoro…. Bigire kure.”

Ntaco dutinya. Dufise Ijambo. TURI IJAMBO. Ntiduhagarikwa n’ikintu ico ari co cose. Turi abahungu n’abakobwa b’Imana. Satani, igira kure, Ikintu cose kiratwegukira. Imana niko Yavuze. Biranditswe!
MweneData Joseph Branham

Ivyanditswe vyo gusoma imbere yo kwumviriza Ubutumwa
Matayo 25:3-4
Yohana 1:1, 1:14, 14:12, 17:17
Ivyakozwe n’Intumwa igice ca 2
1 Timoteyo 3:16
Abaheburayo 4:12, 13:8
1 Yohana 5:7
Abalewi 8:12
Yeremiya igiice ca 32
Yoweli 2:28
Zekariya 4:12

23-0730 Agashashara ka Kabiri

Ubutumwa: 63-0319 Agashashara ka Kabiri

Kuvoma Ubutumwa

Ibimenyeshejwe Ibimenyeshejwe ku bijanye n’ugusobanura mu zindi ndimi bikorerwa muri Branham Tabernacle

Mukunzi Mugeni,

Umugeni yamye yiyumvira kubijanye n’ubu Butumwa canke Intumwa yiwe uhereye mu mwaka 1933, igihe Inkingi y’umuriro yagaragara hariya hepfo ku Ruzi Ohio Urya munsi. Twaramenye ko William Marrion Branham ari Intumwa mumalayika y’indwi y’inkomezi y’Imana yarungitse kw’isi guhamagarira Umugeni waYo gusohoka.

Kuva ico gihe , Imana yagumye ikoraniriza hamwe Umugeni waYo kubwo ukuza kwayo. Turi muri ukwo kurindirana igishika guhambaye ; kuko tuzi yuko bizoba umusi munaka.

Yamye yubaka ukwizera kwacu kurusha mbere, Itubwira, Itwizeza, ko turi Umugeni waYo w’umwizigirwa. Turabizi mukugumana n’imfungurwa zayo zabitswe, ivyo dukeneye vyose birimwo, MU MABANDE.

Ivyo tubimenya gute vy’ukuri ? Ijambo rivuga ko Imana itazokora ikintu na kimwe Itabanje kwibira akabanga abasavyi bayo abahanuzi. Hanyuma turazi asangwa Imana Igiye guhishura ikintu kinaka canke gukora ikintu kinaka, Iduha ukwizera kw’izamurwa, Izovugira mu muhanuzi wacu, kandi umuhanuzi wayo wenyene.

Iminsi yukwiyumvira yararenganye. Umugeni yarafashe igihagararo. Nta kindi kintu ngirakamaro kiretse kwumviriza Imana Ivugana n’Umugeni wayo biciye kuri Bande. Niyo Majambo yemejwe n’Imana ubwayo kuba ari Niko Uhoraho Agize.

Igihe kigeze kure kandi turashobora kwumva uburemere bw’uguhinda bw’umwansi wacu budukikuje. Intambara zirarese kandi Satani ariko aratera ibibanza vy’imbere vyose, ariko Imana ishimwe twararonse imfungurwa za Mpwemu kandi twicaye ku meza y’umutware ijoro n’umutaga, Dufungura kuri iyo Manu yanyegejwe. Ibandanya Itwihishurira birushirize buri munsi, mu gihe Itubwira Iti, Ibintu vyose biratunganye mukunzi Wanje. Ndi kumwe nawe. Narakubwiye ko ntazigera ndaguheba canke ndakwigizayo. Bandanya ufyonda. Irukana Amadayimoni . Naraguhaye ikirwanisho rutura Bombe atomique, Ijambo ryanje, gikoreshe, naravyiyumviriyeko. Kandi hari handitswe, kandi ubu mu gihe canyu, narabivuze kugira mushobore kunyumva ndababwira, Ukwo Niko Uhoraho Agize, muri Umugeni wanje. Muri Ijambo ryihaye umubiri.

Imana yaravuze biciye mu munwa w’ikiremwamuntu kandi yaraduhaye Ijambo ryayo, nta bwoba dufise, Si Ijambo ryacu, ivyiyumviro vyacu, ivyiyumviro vyacu, ni Ijambo ry’Imana yaduhaye. Ukwizera kwacu kuri mw’Ijambo ryiwe kandi Ijambo ntirishobora kunanirwa !

Ubu, mu gihe twumviriza utu dushashara twuguruwe, Mpwemu aba asubiriye kuvugana natwe kandi turashobora kubona Amazina yacu yanditswe mu Gitabu c’Ubugingo c’Umwagazi w’Intama. Twokwizibira bigoranye. EGO, ni Izina ryanje ryanditswemwo. Ariko avuga ibinyerekeye.

Ingo mwifatanye natwe kuri uwu w’iyinga isaha zitandatu z’umuhingamo isaha ya Jeffersonville, hanyuma mwumvirize Agashashara ka kabiri 63-0319, mu gihe Ijwi ry’Imana Rizoba ririko rirababwira ko amazina yanyu yanditswe mu Gitabu c’Ubugingo c’Umwagazi w’intama.

MweneData Joseph Branham

Ivyanditswe vyo gusoma imbere yo kwumviriza Ubutumwa :

Matayo 4 :8/11 :25-26/24 :6
Mariko 16 :16
Yohana 14 :12
2 Ab’itesalonike 2 :3
Abaheburayo 4 :12
Ivyahishuriwe Yohana 2 :6/6 :3-4/ Igice ca 17 cose/19:11-16
Yoweli 2: 25
Amosi 3:6-7

23-0723 Agashashara ka Mbere

Ubutumwa: 63-0318 Agashashara ka Mbere

Kuvoma Ubutumwa

Ibimenyeshejwe Ibimenyeshejwe ku bijanye n’ugusobanura mu zindi ndimi bikorerwa muri Branham Tabernacle

Mukunzi… Ngiye kukwita Umugeni,

Imana, Umuremyi Ahambaye, Alufa na Omega, Ishurwe rya habasaleti ry’i Sharoni, Ikirungu co mu biyaya, Inyenyeri Ikayangana yo mu gaturuturu, Data, Mwana na Mpwemu Yera, Inkingi y’Umuriro, Imana UbwaYo, Yaje kw’isi kandi Yavuganye natwe iciye mu munwa w’umuntu. ISHIMWE, YaBishize ku ma bande, ku buryo woshobora kuYumva Iguhamagaye… «* WEWE » UMUGENI WAYO*.

Vyiyumvire bagenzi banje. Umwami Wacu Yesu Kristo, Akuraba mu maso kandi Akubwira Ati, « Uri Umugeni Wanje. Ndagukunda. Narakurindiriye igiye kirekire. Kuri Jewe, uratunganye. Uri akara ko mu mara yaNje, igufa ryo mu magufa yaNje. Nagutoye imbere yuko Ndema Isi canke inyenyeri. Ndagukunda cane. Tuzobana mu Bihe Bidashira turi kumwe. Ubu, Ndaje kubwawe. »

Ivyo vyonyene vyoha umwe wese muri twebwe Ukwizera kw’Izamurwa. Ni igiki umurwanizi ashobora kugutako, kukubwira, kugushirako gishobora kukubabaza ? NTA NA KIMWE, URI UMUGENI WA KRISTO ! Uri Ijambo RyiWe Ryihaye umubiri, uri Umupfasoni wa Yesu Kristo.

Ni gute uwo ari we wese, mu rurimi urwo ari rwo rwose, ashobora kwandika canke kuvuga ico bivuga kuri twebwe ? Vyonyene ntibishoboka.

Nta hantu na hamwe mw’isi ushobora kuronka ico cubahiro n’iryo bakwe vyo kwumva aya Majambo kiretse ufise Uguhishurirwa kw’ukuri no GUFYONDA UKAVUZA.

Ibintu bihambaye isi yarindiriye kuva ku ntango y’igihe, biriko biraba ubu nyene, kandi turi igice cavyo. Yari yarindiriye iki gihe, iyi saha, iri hanga, MWEBWE, kugira ngo Ashitse kandi Atunganye Umugambi WiWe Uhambaye.

Uguhishura kw’ibanga ry’Udushashara Indwi, Imituragaro Biriko Birahishurwa, ugutungana kwacu, Adamu WiWe yaragarukanywe neza, Ukuza kwiWe, ibi bintu vyose biriko biragaragara kandi bishika UBU, muri WEWE, UMUGENI WIWE !

Si mu gihe ca Mose. Si mu gihe ca Nowa. Si mu gihe ca Yesu, nta n’ubwo ari mu gihe ca Yohana canke Paulo, biriko birashika ubu, UBU NYENE, HAMWE NAWE.

Ntidushaka kubihusha. Dushaka kwitegurira Ukuza kwiWe. Kugira ngo dukore ivyo, twategetswe kuja kw’IJAMBO kugira ngo turonke inyishu zacu. Atari iciyumviro canje, canke iciyumviro c’umuntu munaka canke ico avyibazako, ariko ico Ijambo ry’Imana Ryagaragajwe Rivuga.

Turazi ko Umugeni Ategerzwa kuvuga « amen » kw’Ijambo Ryose kandi bahurize hamwe nk’umuntu Umwe. Kubw’ivyo dutegerezwa kuraba mw’Ijambo ry’Imana kugira ngo turabe ikigiye guhuriza hamwe Umugeni.

Kandi rero hagiye kuza Imituragaro Indwi y’ibanga itananditswe na gatoya. Ni vyo. Kandi nizeye ko, biciye muri iyo Mituragaro Ndwi, Izohishurwa mu minsi ya nyuma mu buryo bwo guhuriza hamwe Umugeni kubw’ukwizera kw’izamurwa.

Ni ivyo nyene biri mw’Ijambo. Imituragaro Ndwi Izohishurwa mu gihe cacu kugira ngo bihurize hamwe Umugeni kubw’ukwizera kw’izamurwa.

Hanyuma ikibazo gikurikira dukeneye kumenya ni iki : Imituragaro ni iki ?

Igihe, « yaturagara. » Mwibuke, urwamo rw’ukwasirana kw’Umuturagaro ni Ijwi ry’Imana. Ni co Bibiliya Ivuga, murabona, « ukwasirana kw’Umuturagaro. » Biyumviriye ko wari umuturagaro, ariko yari Imana. Yarabitahuye, kuko Yarabihishuriwe. Murabona ? Wari Umuturagaro.

Rero Imituragaro ni Ijwi Ry’Imana Rigiye guhuriza hamwe Umugeni no kubaha (TWEBWE) ukwizera kw’izamurwa. Ng’iyo inyishu yacu.

Ni nde Ijwi Ry’Imana ku Mugeni ? William Marrion Branham.

Rero, ndi mweneSo gusa, kubw’ubuntu bw’Imana, ariko igihe Umumarayika w’Uhoraho Amanutse, bicika, rero, Ijwi Ry’Imana kuri mwebwe. Sinshobora kuvuga na kimwe kubwanje, ariko ico Anyereka, ndakivuga. Muvyizere maze mwitegereze ibishika.

Muvyizere maze mwitegereze ibishika n’ibizoba kuri uyu w’iyinga, mu gihe dukoraniye hamwe, twakira ukwizera kw’izamurwa, tuMwumviriza Aturagara ku Mugeni WiWe.

Tuvuga ivy’ « ukwicara ubu ahantu ho mw’Ijuru » ? Mbega ibizoba ! Namba dushobora kwiyumva uku kuntu, twicaye ng’aha kw’isi, imbere yuko Izamurwa Riza, muri ubu buryo turimwo ubu ; kandi dushobora kuryoherwa, no guhagarara ku mpome, no guhagarara mu mvura, kugira ngo twumve gusa Ibi, bizocura iki igihe tuzoMubona yicaye hariya ! Yooo, Mana We ! Yooo, kizoba igihe c’ubwiza.

Ntubure muri iki gihe c’ubwiza. Uratumiwe gukorana natwe mu gihe tuzokwumviriza : Agashashara Ka Mbere, Ubutumwa bwavuzwe kw’igenekerezo rya 18 ntwarante 1963, isaha zitandatu kw’isaha y’i Jeffersonville (isaha icumi na zibiri ku mugoroba kw’isaha yo mu Burundi).

MweneData Joseph Branham.

Ivyanditswe vyo gusoma imbere yo kwumviriza :
Uwera Matayo 10:1
Uwera Matayo 11:1-14
Uwera Matayo 24:6
Uwera Matayo 28:19
Uwera Yohana 12:23-28
Ivyakozwe n’Intumwa 2:38
2 Abatesalonike 2:3-12
Abaheburayo 4:12
Ivyahishuriwe Yohana 6:1-2
Ivyahishuriwe Yohana 10:1-7
Ivyahishuriwe Yohana 12:7-9
Ivyahishuriwe Yohana 13:16
Ivyahishuriwe Yohana 19:11-16
Malaki 3
Malaki 4
Daniyeli 8:23-25
Daniyeli 11:21
Daniyeli 9:25-27

23-0716 Icanzo Hagati Y Ibihe Ndwi Vy Ishengero N Ibimatanishije Udushashara Ndwi

Ubutumwa: 63-0317e Icanzo Hagati Y Ibihe Ndwi Vy Ishengero N Ibimatanishije Udushashara Ndwi

Kuvoma Ubutumwa

Ibimenyeshejwe Ibimenyeshejwe ku bijanye n’ugusobanura mu zindi ndimi bikorerwa muri Branham Tabernacle

Bakunzi mashurwe matoyi bo mu Kidengeri,

Twarisunikiye twebwe ubwacu mu mazi y’ivyondo hanyuma dusanza amababa yacu. Amapedali yacu matoyi yaragiye kandi ubu turiko twerekana ishurwe ryo mu mwonga. Twarashikaniye vy’ukuri ubuzima bwacu Imana n’Ijambo ryaYo.

Turi mu gihe c’iherezo kandi tuvuye mu Buseruko no mu Burengero, Uburaruko n’Ubumanuko, twiteguriye Izamurwa. Duhagaze twemye kubwo akanya gatoya gushika buri gace kuzuye Mpwemu Yera. Twiteguriye kuduga.

Igihe cageze. Ariko Arahamagarira hamwe Ihanga ryayo Ubwayo mu Bumwe bw’ukuri hamwe naWe. Ni Yesu Kristo abana na Mpwemu wiwe mu mibiri yacu, Mu gukora vya bintu nyene yakora nk’ikimenyamenya kw’isi.

Ikintu gihamabye mu vyanditswe kiriko kirashika mu gihe cacu. Igikorwa, Atari n’umumalayika, nta kintu, coshobora kugikora, uretse Umwagazi w’intama. Yaraje maze akura Ico Gitabu mu kuboko kw’iburyo k’uwicaye ku ntebe y’Ubwami, Aracugurura, amenagura udushashara, maze akirungika kw’Isi, ku Mumalayika wiWe w’indwi, kugira aBiduhishurire, Umugeni wiWe.

Ibintu biriko birashika; Ijambo Ariko araduhishurira buri munsi, Rirarengeye. Twaradugije amajwi yacu maze turasemerera hanyuma tuvuga za Haleluya! Ugusirwa, ubushobozi, ubwiza, ukugaragara, Ihishurwa ry’Ijambo ryiwe Rirahambaye kuva kw’itanguriro ry’igihe.

Hamwe n’icaremwe cose kiri mw’Ijuru, hamwe no kw’isi, no musi y’isi, no musi h’ikiyaga, hamwe n’ibirimwo vyose twakomye akaruru : Imihezagiro, icubahiro, ubwiza, ubushobozi, bibe kuri We uwicaye ku ntebe y’Ubwami, hamwe no ku mwagazi w’intama ibihe n’ibihe, amen! Amen kandi amen!

Ikiremwa cose , Umuntu wese uhereye ku ntango y’igihe bari barindiriye iki gihe ko gishika. N’Imana yararindiriye gushika Umumalayika wayo yatoranijwe ashitse kw’isi imbere yuko aza gutora ca Gitabu, aracugurura maze ahishura amabanga yose ku Mugeni wiwe yatoranije.

Ubu turazi ivyo umuntu atigeze amenya uhereye kw’itanguriro ry’igihe. Ibintu vyose vyari vyaratakaye muri kwa kurwa. Ibintu vyose vyari vyaranyegejwe mw’Ijambo ryiwe. Ibintu Umugeni akeneye vyarafashwe mu majwi kandi vyashizwe mu bubiko butoya bw’Imana.

Yarabitweretse hirya ya ca Gihuzu c’igihe kandi twibona ubwacu turi kumwe naWe ku rundi ruhande. Umugeni ariteguye ubwiwe mu kwumviriza Ijambo.

Twari mu myimenyerezo. Twambaye ibirwanisho vyose vy’Imana nta kintu coshobora kudutirimutsa. Nta kintu coshobora kudutera ubwoba. Nta kintu coshobora kutubabaza nta kintu ntacodutuma tugiriranira imyumvikano n’Ijambo na Rimwe. TURI IJAMBO.

TuraMurindiriye dufise umurwi w’amashurwe mu minwe yacu. Igihe kirageze. Ya saha yakera iriko iradidagira. Turiko turumva umuhindo w’amafarasi, umusenyi utembagarira mu makurudumu. Wa mukogote wa kera uri muguhagarara.

Igihe Azoshikira tuzosimba tuve mw’isi tugana mu maboko yiWe. Azodufata maze Avuge ati, “ Nari nagiye kubategurira ikibanza ariko ubu birarangiye, mukunzi”.

Ukuza kwiWe kuri hafi. Dufise ivyo twiteze gusumba mbere, turanezerewe mu gihe ashaka ko twumviriza Udushashara Ndwi ubugira kandi. Turazi y’uko twari tugiye kuronka ihishurirwa rirushirije, kuko Buri Butumwa twumviriza busa nk’uko tutigeze tubwumviriza mbere.

Kubaho uyu munsi no kwumviriza Ubu Butumwa birahambaye cane kusumvya igihe bwashirwa mu majwi. Ariko arabiduhishurira birushirije ubu. None ni ibiki vyoshobora gushika ?

Ni muze mwifatanye natwe isaha zitandatu ku muhingamo , isaha ya Jeffersonville (isaha cumi na zibiri z’umugoroba mu Burundi), maze munezerererwe no kwumviriza : Icanzo hagati y’Ibihe Ndwi vy’Ishengero n’Ibimatanishije Udushashara Ndwi 63-0317E . Ni Imfungurwa zibitswe Umwami yateguriye Umugeni zo gufungura.

MweneData Joseph Branham

Ivyanditswe vyo gusoma mu kwitegurira kwumviriza Ubutumwa:
Abalewi 25:47-55
Yeremiya 32 :1-15
Zekariya 3:8-9/4:10
Abaroma 8:22-23
Abanyefeso 1:13-14/4:30
Ivyahishuriwe Yohana 1:12-18/ Igice ca 5/ 10:1-7/11:18

23-0709 Imana Yihisha Mu Biciye Bugufi Hanyuma Ikihishura Muri Ivyo Nyene

Ubutumwa: 63-0317m Imana Yihisha Mu Biciye Bugufi Hanyuma Ikihishura Muri Ivyo Nyene

Kuvoma Ubutumwa

Ibimenyeshejwe Ibimenyeshejwe ku bijanye n’ugusobanura mu zindi ndimi bikorerwa muri Branham Tabernacle

Bakunzi Bantu biharije, Hanga Cami ry’akazeze, Ritangaje, Buherezi bwa Mpwemu,

Mbega igihe c’ubwiza yahaye Umugeni waYo, Iriko Irahishura Ijambo ryaYo nk’uko bitari biri mbere. Ubutumwa bwose twumviriza bisa nk’uko tutigeze twuBwumviriza mbere. Imitima yacu n’imishaha yacu vyuzuye umunezero mu gihe dufungura Manu nshasha ivuye mw’Ijuru. Bisa nk’icijiji c’amazimano y’ubukwe agiye kuza mu gihe tugaburirwa Ihishurwa ku rindi.

Turiko turatanga ibimazi vya Mpwemu ku Mana , kubwo ivyamwa vy’iminwa yacu, mu gutazira Izina ryiWe. Twarafashe ikibanza cacu nk’inyenyeri zo mw’Ijuru.

Yaradukoranirije hamwe ahantu ho mw’Ijuru, Asuka Mpwemu Yera wiWe kuri twebwe, kugira ngo adutegure kubwo ukuza kwiwe. Ni ivyo gusa dushobora kwiyumvirako. Ni ivyo vyonyene dufise mu vyiyumviro vyacu. Ico dushaka gukora gusa ni UKWUMVIRIZA IJAMBO. Ibandanya Itubwira ko turi Umugeni waYo. Ubu ni ubugombe bwaYo Butunganye bwo kugumana n’inzira yayo Yateguye.

Turi abasoda b’umuce w’igikorwa ciWe ca bande , kandi turabinezererewe. Ni Ikimenyetso c’icubahiro. Dushaka gusemerera maze tubwire Isi, EGO, TURI UMWE MURI BO.

Yaraduteguriye Imfungurwa zibitswe tugaburirwa. Manu y’Imana ubwayo Ivugana n’Umugeni waYo,Itumenyesha yuko turi Ingabo zaYo.

Dukoraniye munsi y’ugufatanywa guhambaye kwo mw’Ijuru mu mahoro, kugeza aho Mpwemu Yera yashizeho urugingo rwose rw’umubiri gushika habaye ugukira kw’umubiri n’ubugingo vyompi.

Dufata Ijambo ry’Imana hanyuma tukanesha umurwanizi n’ubushobozi bwiwe. Turamutabaguramwo ibice hamwe n’Iryo Jambo. Umugaba mukuru w’ingabo wacu yatubwiye ati, « Muri Ijambo. Ntimutinye. Mugende mugana umurwanizi hanyuma muvuge muti, « HANDITSWE NGO. »

Yaraduhisemwo kugira ngo tube Abasoda baYo. Twamye mu myimenyerezo, duhabwa inkomezi n’Ijambo. Ubu twambariye urugumba kandi turiteguye kurwana. Umugenerali wacu w’inyenyeri zitanu yadutegetse ivyo dukora : Gumana n’Inyigisho za Bande.

Kandi vy’ukuri, vuga ivyo Bande ivuga gusa. Ntihagire ikindi uvuga. Murabona? Kuko, simvuze ivyo jewe ubwanje. Ni We Abivuze, murabona. Kandi kenshi, uruzazane, abantu barahaguruka maze bakavuga bati, “Yemwe, Naka nan aka yavuze bisigura uku na kuriya.” Gusa-gusa bigumize uko bimeze.

Si ivyo William Branham ariko aratubwira kuri Bande, Ni ivyo IMANA Iriko Irabwira Umugeni waYo kuri Bande. Aya niyo MATEGEKO yaYo. Hariho inzira imwe gusa yo kwubaha aya mategeko avuye ku Mugaba amukuru w’ingabo wanyu w’inyenyeri zitanu kandi yagumize uko ameze, FYONDA MUVUZE.

Turi mu ngabo z’Imana, rero dutegerezwa kwubaha amategeko yacu Ijambo kw’Ijambo. Turiko turabandanya tuja imbere. Turi abantu b’igiciro, abantu b’ukwizera, abantu b’ubushobozi, abantu batahura, abantu b’uguhishurirwa.

Turiko dusubira mu gufatanya gutunganye hamwe na Data ubugira kandi, duhagaze ku rundi ruhande rw’imanga, ata kwibuka icaha kiturwanya. Adamu wiWe yashumbushijwe.

Ni Imana mu bintu vyicishije bugufi ubugira kandi. Si ivyo umuntu uwo ari we wese, ni Umugeni wiwe gusa, Kandi turabibona neza mu buryo buramvuye.

Ndindiranye igishika co gusubira kwumviriza Udushasha indwi ubugira kandi. Izoba Iriko Iraduhishurira Ijambo ryaYo nk’uko bitegeze mbere. Tuzoba turiko turakira Uguhishurirwa kwiWe guhambaye kw’Ijambo ryiWe.

Yari yararindiriye gushika iki gihe kugira Iduhishurire birushirije. Ivyo dukeneye vyose vyarafashwe amajwi kandi bihari kubwacu kugira tuvyumvirize mu gufyondesha urutoke rwacu gusa.

Ubu Butumwa ni Irya Mituragaro Ndwi izotunganya Umugeni ; KUKO AMABANGA YOSE Y’IMANA AZOHISHURIRWA INTUMWA MUMALAYIKA W’INDWI KU MUGENI

Iki nico gihe gihambaye muri kahise k’isi. Turi kw’iherezo ry’ukuza kwiWe kubwo Umugeni wiWe. Isi yiteze ibi bintu vyose vyavuzwe mu Vyanditswe; nk’izuba rirenga hagati y’umusi hamwe n’ibintu vyose ko vyoshika. Ariko hararenganye, kandi ntibabimenye.

Nimwibuke, bimatanishije amabanga y’imituragaro ndwi. Murabona?

Ndabatumiye kuza kwifatanya natwe isaha zitandatu ku muhingamo, isaha ya Jeffersonville ( akaba ari isaha cumi na zibiri mu Burundi), mu gihe dutangura uru rukurikirane ruhambaye hamwe n’Ubu Butumwa : Imana Yihisha mu biciye bugufi, hanyuma Ikihishura muri ivyo nyene 63-0317M.

Mu gihe MweneData Branham azosubira gushikanira Imana urushengero Branham Tabernacle hamwe n’abantu , Reka twishikanire Imana ubwacu, inzu zacu, amashengero yacu, canke aho ari ho hose dukoraniye, kubwiwe.

MweneData Joseph Branham
1 Ingoma 17:1-8
Yesaya 35:8/40:1-5/53:1
Malaki Igice ca 3
Matayo 11:10, 11:25-26
Yohana 14:1-6
1 Ab’I Korinto Igice ca 13
Ivyahishuriwe Yohana Igice ca 21

23-0702 Intambara Ihambaye Itigeze kurwanwa

Ubutumwa: 62-0311 Intambara Ihambaye Itigeze kurwanwa

Kuvoma Ubutumwa

Ibimenyeshejwe Ibimenyeshejwe ku bijanye n’ugusobanura mu zindi ndimi bikorerwa muri Branham Tabernacle

Bakunzi, Barwanyi Mushitse b’Igikorwa ca Bande

Muze dukoranire hamwe mu kurangiza ino ndwi y’igitangaza kubwo inyigisho twaronse ku rwego rwo hejuru rw’ubwiza, mu gihe tuzokwumviriza umu generali wacu w’inyenyeri 5 avuga aciye mu mumalayika wo kw’isi yatoranije, hanyuma atwigisha ingene tworwana no kunesha : intambara ihambaye itigeze irwanwa bwigishijwe itariki 11 ukwezi kwa 3 umwaka wa 1962.

Hehe : ku cicaro gikuru ( Intebe y’Imana ) isaha umunani kw’isaha ya Jeffersonville (akazoba ari isaha zibiri z’ijoro mu Burundi )

MweneData Joseph Branham

23-0625 Mugenzi, Iki Ni Ikimenyetso c’Iherezo?

Ubutumwa: 62-1230e Migenzi Mbega Iki Ni Ikimenyetso C Iherezo?

Kuvoma Ubutumwa

Ibimenyeshejwe Ibimenyeshejwe ku bijanye n’ugusobanura mu zindi ndimi bikorerwa muri Branham Tabernacle

Mukunzi Mugeni Jambo ku Rindi.

Nta muhanuzi, nta ntumwa, nta na rimwe , mu gihe na kimwe, higeze habaho igihe nk’iki tubayemwo ubu. Iri ni iherezo. Inkingi y’umuriro yaragarutse. Ya nkingi y’umuriro yarongora abana b’isilayeli ; Ya yindi nyene yahushura Sauli ikamugwisha hasi mu nzira ija I Damasiko. Iyo nyene yazananye bwa bushobozi nyene, Ikora vya bintu nyene, kandi Ihishura rya Jambo nyene, Igumana n’Ijambo kw’Ijambo hamwe na Bibiliya !

Yahishuriwe amabanga yose . Mwari mubizi ? Amabanga YOSE. Nta kintu gishasha, nta kintu gisigaye, nta kizohishurirwa uwundi muntu ; Vyose vyahishuriwe intumwa mumalayika wiWe w’indwi kandi twarabihawe , Umugeni wiWe, kuri Bande.

Ni ivyo vyose Umugeni yarakeneye, Menya neza kandi, ivyo vyose Umugeni yarakeneye. Abandi bakenere ibindi bintu, kandi barabihabwa. Ariko ivyo dukeneye vyarafashwe amajwi kandi twabihawe kuri Bande hanyuma kandi Biriko Biduha UKWIZERA kw’Izamurwa.

Turi Ishengero Umwami Mana yamuhaye. Iki nico cicaro gikuru ciwe. Aho niho yatubwiye kuguma. Si mu nyubako, AMABANDE. Turi urya mugwi w’abantu wizera, kandi unyotewe no kuguma kuri buri Jambo. Yatubwiye kuguma hano hanyuma tukitegereza Ibuye ryera,Ibuye Rikomeye Cane, IJAMBO KURI BANDE.

Ijwi rivuye mw’Ijuru ryavuganye nawe maze rivuga riti, “ Zana imfungurwa. Zibike. Ubwo nibwo buryo bwonyene bwo kubagumiza hano, ni Kubaha imfungurwa.” Ntiyigeze avuga kuraba ikindi kintu, canke ko hobaye uguhishurirwa gushasha kuvuye ku wundi muntu; Hanga amaso IZI MFUNGURWA ZIBITSE KURI BANDE, GUMA NG’AHO.

Ariko nk’uko babikoze mu ndoto zose yahishuye, bamwe bavuye muri iyo nzira , bamwe bafashe inzira imwe abandi bafata iyindi. Bamwe nibo bagumye aho hanyuma bumira kuvyo yari yarababwiye.

Rero gereranya ivyo na ziriya zindi, Inzozi. Iri ryari iyerekwa. Imfungurwa, ng’izi. Iki nico kibanza.

Nta kintu gitomoye kurushiriza ico cari kuba ku Mugeni wayo. Iri ryari iyerekwa. Si indoto, IYEREKWA. Imfungurwa ziri hano : Bande. Iki nico kibanza : AMABANDE. Turiko turakora neza na neza ivyo yatubwiye gukora : Umviriza AMABANDE !

Bisaba uguhishurirwa kwa Mpwemu mu gutahura ibi bintu. Bizosaba uguhishurirwa kwa Mpwemu kwizera no gutahura ivyo Izotubwira vyose uyu w’iyinga. Kizoba ari igihe c’ubwiza ku Mugeni.

Hariho ibintu vyinshi Imana Iriko itubwira kandi Iduhishurira kuri Ubu Butumwa. Nshaka gutora ivyanditswe ku bindi hanyuma ndabibahe, ariko ndaziko Izohishura Akavunji kose kuri mwebwe kuko ibi nivyo yavuze mwari :

Iri niryo shengero Umwami Mana yampaye. Aha niho cicaro canje gikuru. Aha niho nguma… Hariho n umugwi w’abantu hano bizera, bashonje kandi babandanya.

Turi urya mugwi ushonje kandi ubandanya. Benshi badutahura nabi kandi bakadukekeza, ariko ivyo ni vyiza, turabakunda kandi turabasengera; yamara dukeneye gusa IJWI RIMWE ryo kuturongora.

Mbabarira, ariko ntegerezwa kubaha iki canditswe.

Igihe azotangura kuvuza inzamba, niho Ibanga rizoba riherahejwe.” Rero, Itegereze, kandi ni igihe c’amajwi y’agashashara k’indwi, k’ivyahishuriwe Yohana 10, ko bihishurwa. Muratahura? Igihe amabanga yose y’Igitabu azoba aherehejwe! Kandi Bibiliya ivuga hano yuko Amabanga azoba aherahejwe.

Ni nde azohishura arya mabanga? Umwungere wawe ? Umurwi ? Jewe ? Intumwa Mumalayika w’indwi : William Marrion Branham. Nta wundi muntu imbere yiwe, mu mwanya wiwe canke inyuma yiwe. Azoheraheza amabanga.

Hashobora kuba ari umunywamazi uzokubura mu kirere hanyuma hazoboneka itangazo rivuye mw’Ijuru, rivuga riti,” Ntibigitevye.” Asangwa ari, reka twitegure ubwacu, bagenzi, guhura n’Imana yacu.

Ego Mwami, Dushaka kwitegurira guhura nawe. Dushaka gukora ivyo dushoboye vyose. Dushaka kuba mu bugombe bwawe butunganye. Tubwire Data , twokora iki kugira twitegure?

Hariho imfungurwa nyinshi zashizweho ubu. Reka tuzikoreshe. Reka tuzikoreshe ubu.

Urakoze Data kubwo ibifungurwa washizeho kubwo Umugeni n’ukubihishurirwa . Turiko turabikoresha buri munsi.

Ndasabira ukubabarirwa kw’iri Shengero ryanje ritoya hano wandungitse kuyobora no kurongora. Bahezagire, Mwami. Nakoze bijanye n’indoto n’iyerekwa n’ibintu Yavuze, rero, aho ngeza kumenya, nabashiriyeho imfungurwa zose uko nshoboye, Mwami. Uko biri kwose, Mwami, Turi abawe.

Urakoze Mwami, Waratubwiye ubugira kandi, Washizeho imfungurwa zose dukeneye mu rugendo.

Ndindiranye igishika co kwumviriza, Mugenzi, iki ni Ikimenyetso c’iherezo? 62-1230E, hamwe namwe kuw’iyinga isaha zitandatu, Isaha ya Jeffersovnille(isaha 12 z’umugoroba mu Burundi). Ndazi ko tuzohishurirwa ibintu bushasha kuruta uko vyari mbere. Iki gishoboka kuba ari igihe ca nyuma tuvyumvirije.

Mbega vyocura iki ari ikintu kiturongorera kwinjira mu Kwizera kw’Izamurwa? Sivyo? Twokwiruka? Tugasimba ibihome? Hoba hariho ikintu citeguriye gushika, hanyuma iyi mibiri yononekaye, mibi ikazoca ihindurwa? Noshobora kubaho kugira ndabibone? Ewe Mwami? Vyoba vyegereye kuburyo nobibona? Uru rwoba ari rwo runganwe? Bagenzi, BeneData, ni igihe ki? Turi hehe?

MweneData joseph Branham