Category Archives: Uncategorized

20-0913 Imibabaro Yo Kuramukwa

Ubutumwa: 65-0124 Imibabaro Yo Kuramukwa#

Kuvoma Ubutumwa

Ibimenyeshejwe Ibimenyeshejwe ku bijanye n’ugusobanura mu zindi ndimi bikorerwa muri Branham Tabernacle

Inkukuma Zirakoranira Hamwe.

Bakunzi munywa kw’Iriba rya Arutwaze,
Mbega ukuntu biteye igomwe kunywa kuri rirya Riba rya Arutwaze. Ijambo Ritavanze, Ritagira agatosi, Ripfutse Rivuye kw’Isoko y’Amazi y’Ubuzima, aho dushobora kunywa igihe ico ari co cose imitima yacu ibishaka. Yaraje kandi yamaze inyota y’ubugingo bwacu, mu gihugu kigadutse kandi cumye.

Iyo dufise akabonge, dushobora kunywa. Iyo intambara yarese, dushobora kunywa. Iyo dukeneye gukira indwara, dushobora kunywa. Igihe ico ari co cose, ahantu aho ari ho hose dushobora gufyonda tukavuza maze tukumva Data Avugana natwe kandi Avuga Ati : Mwaramutse bagenzi, mbega mukeneye iki uno munsi, ugukira indwara ? Murakeneye kumenya mudakekeranya ko muri abaragwa b’abahungu n’abakobwa banje ? Murakeneye inyishu ku kibazo mufise ku mutima wanyu ? Canke mukeneye gusa kwicara munsi y’ugusigwa kwa Mpwemu Yera hanyuma mukanywa gusa kandi mukanywa kandi mukanywa maze mugahembuka mu bugingo bwanyu ?
Ijambo ryiWe, Ubu Butumwa, Budushira mu nyonga za Mpwemu Yera ako kanya. Rimwe na rimwe turarwana tugerageza kwinjira mu Nyonga hiWe, ariko turazi yuko ako kanya nyene dufyonze tukavuza, turi munsi y’Ugusigwa kwa Mpwemu Yera. Twarabihishuriwe, kandi turizeye n’ibitubamwo vyose ko ari Ijwi ry’Imana Rivugana na twe Ridaciye ku ruhande biciye mu kanwa k’umuntu YAtoranije. Ni kuki umuntu uwo ari we wese afise ubwenge bukwiye yoshaka kunywa ku yindi soko ?

Mu gihe twumviriza izi bande, Rirakwiragira mu bihugu vy’abanyamahanga no kw’isi yose, ahantu aho ari ho hose uwo ari we wese ariko arumviriza. Ririko rirahamagara umuntu wese w’intege nke, ubugingo bwose bwatakaye, umubiri wose urwaye, Urubuto rwose rwatoranijwe, maze Rikababwira Riti, Murashobora kuronka ivyo mukeneye, namba mutokekeranya kandi mwizeye Ijambo Ryose, kuko si jewe mvugana namwe, ni WE Ankoresha gusa kugira ngo mvugane namwe. »

       Ni wibaze gusa rero, iyo uba warabayeho kera                mu bindi bihe, igihe c’umusunikano utewe n’abahahuzi b’Imana n’Amajambo yatangajwe, ni mu  ruhe ruhande wokunze kubamwo kera hariya ?

Yemwe, ufise uguhitamwo kurya nyene uno munsi. Ririteguye kugarukana Ijambo Ritunganye hariya, kandi Ijambo Rije kubw’Umugeni Jambo. Nk’uko u – umugore ari igice c’umugabo, cakuwe muri we, niko n’Ishengero Rizotegerezwa kuba Ishengero Ryumvira Ijambo, Ijambo ryose ryo muri Bibiliya; atari uburyo bwo gukora, imigenzo, canke ikintu na kimwe congeye kuri Ryo. Rizotegerezwa kuba mw’Ijambo ritavanze, ritanduye, ritagira agasembwa..

Mwari gukora iki muri ico gihe rero, kujana n’uburyo bwo gukora kwabo kw’amadini, canke inyigisho zabo n’umupatiri wabo, canke mwari kuba muri bamwe mu bagumye kw’Ijambo Ryahishuwe ryo muri ico gihe ?

Yavuze ko tutariko turubaka uruhome, turiko turubaka inzu. Mu kwubaka inzu utegerezwa kuyubaka neza na neza ukurikije igicapo barabirako atari uko inzu yawe izokwononekara yose. Igicapo barabirako cacu ni Ijambo. Ijambo ry’Uhoraho Riza ku muhanuzi waYo, nta na rimwe riza ku ba patiri, Riza ku bahanuzi. Umuhanuzi ni umusiguzi GUSA avuye ku Mana w’Iryo Jambo. None ninde azokwubaka inzu yaYo.

Bisaba uwasizwe avuye mw’Ijuru, arungikwa gukora ivyo. Niko vyamye, muri buri gihe.
Ubugira kandi, isi, n’Uwatoranijwe waYo bagiye guca mu mibabaro yo kuramukwa. Ni murabe gusa ku bintu Yatubwiye vyobaye biriko biraba mw’isi no mw’Ishengero ryaYo muri iki gihe. Turabibona bishitswa imbere y’amaso yacu nyene. Muri buri gihe Data Yararungitse intumwa ziWe: Paulo, Irene, Martin, Columba, Luther, Wesley, no mu gihe cacu, William Branham. Igihe kw’isi haza intumwa iyo ariyo yose, mu buryo bw’umubiri no mu buryo bwa mpwemu, isi yaragira imibabaro yo kuramukwa.

Bisaba umubabaro, agatengo n’ukumererwa nabi, ariko imibabaro yo kuramukwa ya nyuma n’igihe biregereje. Turabona isi ukuntu imerewe, uruhagarara hagati y’ibihugu. Turabona uruhagarara ruri ku mugeni rwo kuguma ku ma bande no kwizera Ijambo ryose. Biragoye, ariko Ni ukuvyarwa kw’Umugeni wiWe. Izamurwa riri hafi.

Tuzokorana ubugira kandi isaha indwi zo ku muhingambo, kw’isaha y’i Jeffersonville kugira ngo tunywe kuri iryo Riba rya Arutwaze no kwumviriza Ijambo mu gihe Atubwira, ko ubu turiko turaca mu Mibabaro yo Kuramukwa ya nyuma 65-0124.

MweneSo Joseph Branham.

20-0906 Ivyobo Vyatobotsemwo Imishwena

Ubutumwa: 65-0123 Ivyobo Vyatobotsemwo Imishwena

Kuvoma Ubutumwa

Ibimenyeshejwe Ibimenyeshejwe ku bijanye n’ugusobanura mu zindi ndimi bikorerwa muri Branham Tabernacle

INKUKUMA ZIKORANIRA HAMWE

Mukunzi Mugeni ubiragira,

Ndakenguruka cane yuko tudategerezwa kwishimikiza ubwenge bwacu bwite, ariko dushoboye kwicara hamwe ahantu ho mw’Ijuru muri Mpwemu Yera maze tukanywa kw’Isoko y’Ubugingo yiWe idakama. Ni isoko y’amazi abiragira muri twebwe gushika mu Bugingo Budashira.

Biragoye kuri twebwe gutahura ukuntu umuntu munaka ashobora gushikira iyo Soko ya Arutwaze itagira agatosi yoshatse kunywa ku mureko wakozwe n’abantu, hamwe n’umuringoti wakozwe n’abantu, mw’itangi yakozwe n’abantu, n’akayungiro hejuru yayo ko gutangira udukoko tuniniya, mu gihe hariho Isoko yo kunyweramwo yagaragaye kuba Rifise Amazi y’umusarara ava ku ntebe y’ubwami y’Imana.

Turazi mu Gusoma Ijambo ry’Imana mu Butumwa Bwiza bw’Uwera Yohana yuko,

« Ubwa mbere na mbere Jambo Yariho, kandi Jambo Yahoranye n’Imana, kandi uwo Jambo Yari Imana. » « Kandi Ijambo Ryihaye umubiri, maze Ribana natwe. »

Yari Icabona c’Ukuri kandi c’Ukwizigirwa c’Ijambo rya Data Ahoraho. Yari Umuhanuzi kandi yoshoboye kuvuga gusa ico Data Yamutegeka kuvuga. Yavuze Ati, « Data Ari muri Jewe. » Nivyo Yesu Urusengero Yavuze Ati, « Data Ari muri Jewe. »

Ijambo Ritubwira mu Vyahishuriwe Yohana kudahindura Ijambo rimwe kuri ivyo, nk’uko Eva yakoze. Yavuze ko vyozana icaha n’urupfu.

« Ni hagira umuntu azokwungurira kuri yo, Imana Izomwunguka ivyago vyanditswe muri iki gitabu. Kandi ni hagira umuntu akura ku majambo y’igitabu c’ibi vyavugishijwe na yo, Imana Izomukura ku mugabane wa ca giti c’ubugingo no ku wa wa murwa wera, vyanditswe muri iki gitabu. »

Umuhanuzi wacu yatubwiye ko Ijambo ry’Imana Ridakeneye insobanuro. Imana Yarabivuze, Bitegerezwa gushika. Isigura Ijambo ryaYo bwite. Bibiliya Itubwira ko Ridasobanurwa nk’uko umuntu avyigombera. Yavuze Iti, « Ni habeho umuco, » maze umuco ubaho. Hanyuma Yavuze Iti, « Inkumi izosama inda, » yarayisamye. Ivyo ntibikeneye insobanuro n’imwe. Hanyuma Imana Yavuze Iti, « Mu minsi ya nyuma, nzosuka Mpwemu Wanje ku bari n’umubiri bose, » nuko Yarabikoze. Ivyo ntibikeneye insiguro iyo ari yo yose.

Ijambo Ritubwira kandi yuko buri gihe Imana Irungika umuhanuzi, kandi uwo muhanuzi avuga Ijambo ryaYo. Uwo muhanuzi yari Ijambo ry’ico gihe. Turazi kandi ko Ijambo ry’Imana Riza gusa ku muhanuzi waYo kandi uwo muhanuzi ni umusiguzi w’Ijambo avuye ku Mana. Rero umuhanuzi waYo ahishura iryo Jambo ku bantu. Abo bantu bizera Ijambo ryose. Iyo ni Imana mu bikorwa, Imana Igendagenda muri Mpwemu waYo.

Rero, muze tubisubiremwo :
• Imana ni Ijambo.
• Imana Ibwira Ijambo ryaYo umuhanuzi waYo Idacishije ku ruhande.
• Umuhanuzi avuga Ijambo ry’Imana, atari ijambo ryiwe, Ijambo ry’Imana.
• Umuhanuzi ahishura Ijambo ry’Imana ku bantu.
• Ijambo ry’Imana ntiRikeneye insiguro.
• Abantu baraRyizera.
• Iyo ni Imana mu bikorwa.

Rero ni « NAFYONDA NKAVUZA » nzoba ndiko ndumviriza :

• Imana Ivugana nanje Idaciye iruhande.
• Ijambo ryaYo.
• Ryavuze biciye mu muhanuzi waYo.
• Ridakeneye insiguro.

ISHIMWE, twaracakiye Imbono.

Kwumviriza ubu Butumwa ni inzira yashizweho n’Imana ku Mugeni waYo muri iki gihe. Bwarafashwe kandi bwarabikiwe Umugeni waYo kugira ngo Anywe kw’Isoko ya Arutwaze. Kwumviriza ubu Butumwa ni ukwicara munsi y’ahantu heza woshobora kwicara, kuko ni Ijambo ry’Imana nyene Ryavuzwe Ridaciye iruhande kuri twebwe Rivuye ku Mana.

Iyo ni yo yari integuro y’Imana ku Mugeni waYo muri iki gihe.

Muzoze tuje hamwe kw’isaha y’indwi ku muhingamo isaha y’i Jeffersonville maze tunywe kuri Iyo Soko Idakama y’Ubugingo mu gihe Itubwira yuko tudategerezwa kunywa ku Vyobo Vyatobotsemwo Imishwena 65-0123; Yaraduteguriye Amazi y’Umusarara avuye mw’Isoko yaYo.

MweneSo Joseph Branham.

20-0830 Ntiwishimikize Ubwenge bw’Iwawe

Ubutumwa: 65-0120 Ntiwishimikize Ubwenge Bw Iwawe

Kuvoma Ubutumwa

Ibimenyeshejwe Ibimenyeshejwe ku bijanye n’ugusobanura mu zindi ndimi bikorerwa muri Branham Tabernacle

Inkukuma Zikoranira Hamwe

Mukunzi « Umwe muri Bo »,

Mbega twariko turakora iki kuw’iyinga uheze ? Twari dukoraniye mu ngo z’ama Bande zacu, dusenga twese mw’Izina ryiWe. Twarabatijwe muri Mpwemu Yera, igihe ubushobozi bwa rirya Jwi bwaza. Ivyo yabakoreye urya munsi, Yadukoreye co kimwe natwe. Turanezerewe cane no kuvuga tuti, TURI UMWE MURI BO.

Mbega uburuhukiro. Mbega amahoro. Mbega ivyizigiro ku Mugeni wiWe mu gihe tuMwumviriza Avugana natwe kandi Atubwira ko turi Umugeni wiWe Atunganye kandi ko turi mu bugombe bwiWe butunganye. Nta bundi buryo na bumwe, nta rindi jwi na rimwe, nta bundi Butumwa na bumwe bwoshobora gutunganya Umugeni wiWe, atari Ijwi ryiWe rivugira mu ntumwa yiWe y’igihe yagaragajwe.

Abatizera, batagira uguhishurirwa kwuzuye, bavuga bati, « Ushimikira ku muntu birengeje ; ha icubahiro Yesu » TURABIKORA, kuko twizeye yuko atari umuntu turiko turumviriza, nta n’ubwo turiko turaha icubahiro urya muntu, ariko ni Yesu Kristo Avugira mu ntumwa yiWe yagaragajwe, kandi turiko turaMuha icubahiro cose. Yaraduhishuriye yuko ari WE ubugira kandi, Avugana n’Umugeni wiWe aciye mu kanwa k’umuntu nk’uko Yasezeranye ko Yobikoze.

Aho niho dukorera amakosa, muri iri joro. Tugerageza gushira icubahiro cose, na Kristo, hariya inyuma mu kindi gihe. Bibiliya Yavuze Iti, “Ni Wawundi nyene ejo, uno munsi, no mu bihe bidashira.” Ari ng’aha muri iyi nyubako, muri iri joro, nk’uko Yigeze kugendagenda muri Galilaya canke Yerusalemu.

Iyo umuntu yigisha maze akavuga ati, “ntutegerezwa kwizera Ijambo ryose kuri ayo ma bande, umuhanuzi yakoze amakosa, nawe yaravyivugiye, kandi dushobora kuyakwereka. Hariho itandukaniro igihe ari Imana Yavugira muri we n’ivyiyumviro vyiwe bwite canke n’ivyo avyibazako.”

Igihe umuntu ahagarara maze akavuga yuko ari umukozi w’Imana, umwungere w’ishengero w’ahantu hanaka, maze ntiyizere yuko Yesu Kristo Ari Wawundi nyene mu kantu kwose (kiretse mu mubiri w’umuntu), wawundi nyene ejo, uno munsi no mu bihe bidashira, iyo ni imbuto yo kudasenyera ku mugozi umwe.

Wawundi nyene mu kantu kwose! Hanyuma UMUNTU umwe akazobabwira ko hariho amakosa mu vyo avuga, ariko ko mu bushobozi no mu gusigwa kwa Mpwemu Yera biciye muri we, azobabwira ikiri canke ikitari Ijambo? EKA JEWE NTAVYO AZOMBWIRA. Umumalayika w’Uhoraho Yabwiye umuhanuzi wiWe ati, “Zana abantu bakwizere WEWE.” Kandi turabikora, Ijambo ryose. Yavuze Ati,

Mw’Izina rya Yesu Kristo! Ntiwongereko ikintu kimwe. Ntukureko, ushireko ivyo uvyibazaKo ubwawe. Vuga gusa ivyavuzwe kuri ayo ma bande. Kora neza na neza ivyo Umwami Imana Yategetse gukora. NtiwongereKo.

Iyo Imana Ivuze Ijambo, Ntikeneye umugabo uwo ari we wese canke umugore uwo ari we wese, canke uwo ari we wese, wo kuvuga ico Ivyo bisigura. Imana Ivuga neza ico Iba Ishatse kuvuga. Ariko ntibashaka kwishimikiza kuvyo Ijambo Rivuga, bashaka kwishimikiza ku bwenge bwabo. Bashaka kwishimikiza ku co umukozi w’Imana kanaka yavuze mu gishingo c’ico Imana Yavuze. Ivyanditswe bitubwira yuko bari batwikiriwe.

Umuhanuzi yatubwiye yuko Ivyanditswe vyisubiramwo. Nk’uko vyari bimeze mu minsi ya Sodomu na Gomora, niko bimeze uno munsi. Nk’uko vyari bimeze mu minsi Yesu Yari ng’aha kw’isi, niko bimeze uno munsi. Nk’uko vyari bimeze mu minsi umuhanuzi wiWe yari ng’aha, niko bimeze uno munsi.

Igihe mweneData Branham yari ari i Tucson, Arizona, ikiringo c’imyaka itatu, abakozi b’Imana ntibigeze bamutumira na rimwe kuja kuvuga ubutumwa iwabo. Kuki ? Yavuze ko ari ukubera bagiye hamwe maze bavuga yuko ni hagira umuntu n’umwe anzana iwe ahavugirwa ubutumwa, uwo muvugabutumwa bomuca.

Uno munsi, iyo muvuze n’akanyamuneza muti, “Turi Ishengero ry’Amabande. Dutumira umuhanuzi waYo kuvuga inyuma y’aho bavugira ubutumwa muri buri gikorane,” uriya mwungere, na rirya shengero, baracibwa.

Ariko ijwi ryanje ni ryacecekeshwa n’urupfu, aya ma bande azoguma avuga, kandi muzomenya yuko ivyo navuze biriko birashika.

Ibi ni vyo twizera ku vyerekeye Ijwi riri ku ma Bande :

« Intama zaNje zizi Ijwi ryaNje. Ijwi ryaNje ryaremejwe kuri bo, yuko ari ukuri. Vyaragaragaye yuko ari Ijwi ryaNje. » Rero, ubu murabe, ntibategerezwa gukurikira irindi jwi iryo ari ryo ryose. Ntibazobikora.
« Intama zaNje zizi Ijwi ryaNje, kandi uwo zitazi ntizizomukurikira. »

Rero muze tuje hamwe kuri uwu munsi w’iyinga isaha 7:00 ku muhingamo kw’ isaha y’i Jeffersonville kugira ngo twumvirize Rirya Jwi Ritubwira : Ntiwishimikize Ubwenge bw’Iwawe 65-0120

MweneSo Joseph Branham.