Category Archives: Uncategorized

22-1009 Ibibazo N Inyishu #2

Ubutumwa: 64-0823E Ibibazo N Inyishu 2

Kuvoma Ubutumwa

Ibimenyeshejwe Ibimenyeshejwe ku bijanye n’ugusobanura mu zindi ndimi bikorerwa muri Branham Tabernacle

Mukunzi Mugeni w’Inkumi kandi Utunganye,

Imana Iradukunda cane rwose ku buryo Yahaye umuhanuzi waYo kwishura ibibazo vyacu VYOSE kandi yashize inyishu kw’ibande.
Iyo tubikeneye, ico dutegerezwa gukora gusa ni UKWIZERA N’UGUFYONDA TUKAVUZA.

Mbega ndafise Mpwemu Yera ?

Ikimenyamenya ca Mpwemu Yera, ni igihe Imana Iguhishurira kandi ukabona, UKO NIKO UHORAHO AGIZE kandi ukavyakira.

Rero ndaMufise Mwami, mu gihe Wampishuriye ubu Butumwa kandi naBwakiriye nka Uko Niko Uhoraho Agize !

Ariko, umengo ndananirwa cane rwose… none ni gute ku vya kahise kanje ?

Si ico uri, ico wari uri, canke ikintu na kimwe kuri ivyo, ni ico Imana Yagukoreye ubu. Ng’ico ikimenyamenya.

Mwami, Ntubona ivyanje vya kera kandi Ntunabona amakosa yanje menshi, menshi ubu, Wumva gusa ijwi ryanje ; SHIMWA MWAMI, NDAFISE MPWEMU YERA.

MweneData Branham, ndazi ko wavuze ko atari wewe wenyene uvuga ubutumwa, none ni nde azoba arongoye Umugeni wa Kristo mu gihe c’iherezo ?

Hamwe n’imfashanyo y’Imana, nibaza ko ndongoye Umugeni wa Yesu Kristo.

Mfise ibintu vyinshi ku mutima wanje, nokora iki ?

Nta na kimwe kindi gifise akamaro atari gukoraniriza hamwe abana b’Imana bose no kuvuga uti, « Tugende. »

Urakoze Mwami, dukora ivyo nyene. Nta na kimwe kindi gifise akamaro kuri twebwe atari Ijambo RyaWe. Mpwemu Yera WaWe Aturongorera mu muhanuzi waWe kandi dukoranira kw’Ijambo ryaWe kw’isi yose, kandi twiteguriye kugenda.

Mfise ibibazo vyinshi. Nkeneye impanuro, imfashanyo, n’inyishu. Ivyo ndabironka hehe ?

Ndi ng’aha kugira ngo ngerageze kubafasha, kuko ndabakunda. Muri abana banje navyariye Kristo. Ndabohoza umwe wese muri mwebwe. Ndababohoje iri joro; Ndababohoza umwanya wose; Ndababohoza iminsi yose nka mweneData na mushikanje.

Natwe turagukunda mweneData Branham. Turazi ko Imana Yakurungitse kuturongora no kutuyobora.
Twarabisuzumye hamwe n’Ijambo kandi biri ku murongo mu buryo butunganye.

Ni nde data mu Butumwa Bwiza ?

Muri abana banje ; Ndi—ndi so mu Butumwa Bwiza, si data nk’aho yoba ari umupatiri, ndi—ndi so mu Butumwa Bwiza nk’uko Paulo yavuze hariya.

Turazi ko ari Mpwemu Yera Akurongorera kuturongora, mweneData Branham. Uvuga neza nk’uko Paulo yavuze muri Bibiliya, gukurikira neza na neza ivyo wavuze, mu gihe ari ukuri, kandi ntidutegerezwa guhindura akanyuguti kamwe canke agace kamwe.

Utegerezwa gukora iki mweneData Branham ?

Nabavyariye Kristo, kandi ubu, nda—ndabashingira Kristo, ivyo bibafatanya na Kristo nk’inkumi itunganye. Ntumpemukire! Ntumpemukire ! Ugume uri inkumi itunganye.

Wadushingiye Kristo nk’inkumi kw’Ijambo ryiWe. Ntidushobora, kandi ntituzonagendana n’uwundi. Dusuzuma ikintu cose twumva n’ico dukora vyose mw’Ijambo RyaWe Ryabitswe.

Ni ikihe kintu c’ingira kamaro kuruta ibindi vyose nshobora gukora kugira mbe Umugeni WiWe, mweneData Branham?

Gumana neza n’Ijambo.

Inyishu zose ku bibazo vyacu zishobora kwegeranirizwa muri aya majambo :

GUMANA NEZA N’IJAMBO.

Ubu Butumwa NI Ijambo ry’igihe cacu. MweneData Branham ni Ijwi ry’Imana ry’igihe cacu. Ikintu cose gitegerezwa kuja ku murongo w’Ijambo. Ijambo ntirikeneye ugusigurwa. Ni DUFYONDA TUKAVUZA,
IVYO DUKENEYE VYOSE BIRONKERWA HARIYA, KU MA BANDE.

Ufise ikintu ku mutima wawe ukenereye inyishu ? nuze wifatanye natwe kuw’iyinga isaha zitandatu ku mutaga, kw’isaha ya Jeffersonville, (isaha icumi na zibiri ku mugoroba mu Burundi) mu gihe turonka inyishu zacu zose, twumviriza Ibibazo n’Inyishu igice ca 2, Ubutumwa Bwavuzwe kw’igenekerezo rya 23 myandagaro ku mugoroba, mu mwaka wa 1964.
MweneData Joseph Branham.

22-1002 Ibibazo N Inyishu 1

Ubutumwa: 64-0823M Ibibazo N Inyishu 1

Kuvoma Ubutumwa

Ibimenyeshejwe Ibimenyeshejwe ku bijanye n’ugusobanura mu zindi ndimi bikorerwa muri Branham Tabernacle

Mukunzi Branham Tabernacle,

Namba udashobora kuza ng’aha kw’ishengero, rondera ishengero ahantu hanaka ; ujeyo. Namba udashobora kwumviriza amabande hamwe natwe, umviriza amabande ahantu hanaka. Kuvuza no kwumviriza amabande ni ikintu ngira kamaro gusumba ibindi vyose uwuvuga ubutumwa, umwigisha, intumwa, umuhanuzi, umuvugabutumwa canke wewe, mushobora gukora.

Aha ni icicaro co muhira ; ni icicaro gikuru canje ; ng’aha ni ho tugerereye. Rero, bigumize mu bwenge bwawe icoshika cose. Rero, namba uri umunyabwenge, uzotahura ikintu kinaka. Icoshika cose, iki ni icicaro gikuru cacu, ng’aha nyene. Kandi mubigumize mu bwenge hama uzogaruke kuri iyi bande umunsi umwe, iyo wanyumvise ndabivugishwa. Ni vyiza, muvyibuke.

Umuhanuzi yariko arakora iki ? Kubika imfungurwa. Kubika imfungurwa ku buryo tuzoronka Ikintu Kinaka co gufungura, Ikintu Kinaka tuzokorerako umunsi mukuru. TuKironka kuma bande yacu mu gafuto k’icumba cacu.

Yavuze ko hazoba ikigega kimwe gitoya conyene mu gihugu cose, ikigega kimwe gitoya. Yashizeyo ibikenewe vyinshi : Ikimenyetso, Icishimikizo Ntanyiganyizwa, Udushashara, Ibihe Ndwi vy’Ishengero, Muhira ho muri kazoza, Kwemeza Ijambo RyaYo, ivyo vyose ni ivyacu twese, ku buryo twoguma ng’aha gusa maze tukumviriza yaramaze kugenda.

Bisa n’aho yagiye kuva kera, ariko turacibuka, ko ibi bintu ari ivy’ukuri. Ubu ni ubuzima dutegerezwa kugenderamwo twenyene.

Ibigega BIRUZUYE. Nta bindi Bifungurwa vyemejwe n’Imana ubwaYo ko ari IJAMBO RITAGIRA AGATOSI ata kwandura Rifise.

Namba wipfuza gukora umunsi mukuru hamwe natwe, turaguhaye ikaze kwifatanya natwe, kuri uyu w’iyinga isaha zitandatu kw’isaha y’i Jeffersonville (isaha icumi na zibiri zo ku mugoroba mu Burundi) mu gihe tuzoja ku Meza maze tugafungura nk’umushitsi wiWe.

Ibibazo n’inyishu, Ubutumwa bwavuzwe kw’igenekerezo rya 23 myandagaro mu gitondo, umwaka wa 1964.

MweneData Joseph Branham.

22-0925 Ukwemeza Ijambo RyaYo

Ubutumwa: 64-0816 Ukwemeza Ijambo RyaYo

Kuvoma Ubutumwa

Ibimenyeshejwe Ibimenyeshejwe ku bijanye n’ugusobanura mu zindi ndimi bikorerwa muri Branham Tabernacle

Mukunzi Munyu w’Isi,

Neza mu gihe hasa naho bitoshobora kugenda neza kurushiriza, Aduha uwundi Muzigo w’Amabande y’Uguhishurirwa. Dufise ubuserukizi buvuye k’ugutoranywa. Niyo mpamvu tuza tuvuye mu buseruko no mu burengero, mu buraruko no mu bumanuko, kugira ngo twumvirize Ijambo Rizima Ryagaragajwe.

Igihe Imana Yarema isi, twari mu vyiyumviro vyaYo. Igihe umurezi aguma udutunga urutoki kandi akabwira Data ati : « bakoze ibi, bakoze ibi, bakoze ibi », Amaraso y’Umwami Wacu Yesu Aradutwikira. Iyo turiko turasenga, Imana Ntitubona, Yumva gusa ijwi ryacu biciye mu Maraso ya Yesu.

Satani ntashobora kuvurugana ; canke, ashobora kugerageza, ariko ntashobora gucakira umuKristo yavutse ubwa kabiri. Kuko, Imana, kuva kw’itanguriro ry’isi, Yamubonye imbere y’igihe, maze Irungika Yesu kugira ngo Amucungure, kandi Amaraso Aramuvugira. Ashobora gukora icaha gute, mu gihe bidashobora kubonwa n’Imana ubwaYo ? Nta n’ubwo akora… Ikintu conyene Yumva, ni ijwi ryawe. Ibona ubuserukizi bwawe. Amen ! Uko ni ukuri. Murabona ?

Umuhanuzi w’Imana yaratubwiye ibi bintu. Si we yavuga ; avuga gusa ivyiyumviro vy’Imana, IbiYigize vy’ibintu bitegerezwa kuza. Akoresha akanwa kiwe kugira ngo abivuge. Hanyuma amaze kubivuga, bitegerezwa gushika. « Ijuru n’isi bizovaho, ariko Ijambo RyaNje Ntirizokwigera Ryihenda.

Yatwemeje Ijambo ryaYo kenshi cane. Mbega ntiyatwemeje ko ari : Umwana w’umuntu Yihaye umubiri hagati muri twebwe ? NtiYatwemeje ko : Umuhanuzi wacu ashitsa Ivyanditswe Vyose Vyavuzwe kuri we ? NtiYatwemeje ko : turi Umugeni WiWe ? NtiYatwemeje ko : Dufise ikimenyamenya c’ukuri ca Mpwemu Yera ?

None duhagarika umutima kubera iki ? Yaratwemeje ko ni twaguma mu ruhande rwiWe, Azodushigikira. Ijambo RyiWe Ntirishobora kunanirwa na rimwe.

Abizera Ubu Butumwa n’iyi ntumwa y’iki gihe bose bazokizwa. Abatizera Ubu Butumwa n’iyi ntumwa, bazohonera hamwe n’isi.

Mwumvirize neza shengero. Benshi cane batahura nabi, canke ntibafise Uguhishurirwa kw’Ijambo. Bumva ko twashize hejuru umuntu birenze urugero. Namba vy’ukuri wizeye ko mweneData Branham ari umuhanuzi w’Imana, rero ugurura umutima wawe n’ubugingo bwawe maze wumvirize ico: Uku Niko Uhoraho Agize Avuga.

Ni igiki kizohuriza hamwe Umugeni ? Ni igiki kizohuriza hamwe Umugeni kugira ngo Acike umwe n’Imana ?

« Muri ico gihe, Umwana w’umuntu Azohishurwa. » Iki ? Gufatanya Ishengero ku Mutwe, kuba umwe, ubukwe bw’Umugeni. Uguhamagara kw’Umukwe kuzoza neza guciye muri ibi, igihe Umwana w’umuntu Azomanuka maze Akaza mu mubiri w’umuntu kugira ngo ahurize abo babiri hamwe. Ishengero Ritegerezwa kuba Ijambo. We Ni Ijambo, kandi abo babiri bahurira hamwe, kandi mu gukora ivyo, bizosaba ukugaragara kw’uguhishurwa kw’Umwana w’umuntu.

Bizosaba ukugaragara kw’uguhishurwa kw’Umwana w’umuntu. Atari ico uvyibazako, atari ugutahura kwawe, atari ivyiyumviro vyawe nta n’ubwo ari ukuvuga ubutumwa kwawe. Umwana w’umuntu azohuza Umugeni n’Umukwe, kandi biriko biraba UBU NYENE.

Ubu turi mu Munsi Mukuru w’Ubukwe hamwe n’Umukwe kandi vuba tuzogenda mu Mazimano y’Ubukwe no mu Nkinga yacu.

Ijambo n’Ishengero bicika ikintu kimwe. Ico Umwana w’umuntu Akora cose, Yari Ijambo, Ishengero Rikora co kimwe.

Dushobora kubeshwaho gusa n’Ijambo Ryose Riva mu Kanwa k’Imana ! Imana Yaremeje ko umuhanuzi wacu ari Umuvugizi w’Imana w’iki gihe. Tuzi gute ko ari Ijambo ry’Imana ? Niko Yavuze, hanyuma Yaravyemeje n’Ijambo RyaYo.

Turi Ishengero-Mugeni Ryiteguye mu minsi ya nyuma. Abahamagariwe gusohoka bava mu bandi bose; irya nyoni yamijukiwe imijukiwe n’Amaraso yiWe.

Data, imitima yacu irasimbagurika, n’umutima wanje urahuzagizwa, iyo ndavyiyumviriye kandi nzi yuko Amajambo YaWe ari ay’ukuri, nta na Rimwe muri Yo Rishobora kunanirwa, nta na rimwe.

Iyi niyo nzira yonyene Imana Yateguye kubw’iki gihe. Ni inzira YONYENE yo kudahindura Ijambo na Rimwe. Mwibuke, Mpwemu Yera Ashobora kuza maze Agasiga umuntu, ariko kandi biri hanze y’Ubugombe bw’Imana. DUTEGEREZWA KUGUMANA N’IJAMBO RY’INKOMOKO RYAGARAGAJWE.

Namba wokwipfuza kugumana n’Iryo Jambo no kwumviriza Ijwi ry’Imana hamwe natwe, ndagutumiye kwifatanya natwe kuw’iyinga isaha zitandatu ku mutaga, kw’isaha y’i Jeffersonville (isaha icumi na zibiri ku mugoroba mu Burundi), mu gihe tuzokwumviriza : Ukwemeza Ijambo RyaYo, Ubutumwa Bwavuzwe kw’igenekerezo rya 16 Myandagaro, umwaka wa 1964.

Ntutegerezwa kwifatanya natwe canke no kwumviririza ibande imwe mu gihe kimwe hamwe na twebwe, ariko ndakwinginze, umviriza umuhanuzi w’Imana.

MweneData Joseph Branham.

Ivyanditswe vyo gusoma imbere y’igikorane:
Matayo 24:24
Mariko 5:21-43
Mariko 16:15
Luka 17:30
Luka 24:49
Yohana 1:1
Yohana 5:19
Yohana 14:12
Abaroma 4:20-22
1 Abatesalonike 5:21
Abaheburayo 4:12-16
Abaheburayo 6:4-6
Abaheburayo 13:8
1 Abami 10:1-3
Yoweri 2:28
Yesaya 9:6
Malaki 4

22-0918 Ahantu Umukwe Wo MwIjuru NUmugeni Wo Kw Isi Bazoba Muri Kazoza

Ubutumwa: 64-0802 Ahantu Umukwe Wo MwIjuru NUmugeni Wo Kw Isi Bazoba Muri Kazoza

Kuvoma Ubutumwa

Ibimenyeshejwe Ibimenyeshejwe ku bijanye n’ugusobanura mu zindi ndimi bikorerwa muri Branham Tabernacle

Bakunzi Ncuti z’Umuhanuzi,
Umutima wanje ubiragizwa n’umunezero iyo niyumviriye kuri twebwe dukoranirijwe hamwe kuri uyu w’iyinga no kwumviriza Ijwi Ry’Imana Rivugana natwe. Nta munezero uhambaye mu buzima bwanje uruta uwo kuba mu nyonga za Mpwemu Yera no kuMwumviriza Avugana n’Umugeni wiWe, umunwa ku gutwi.

Nta kindi kintu na kimwe muri iyi si kinzanira umunezero n’amahoro atari Ijambo ryiWe. Iyo numvise gusa, « Mwaramutse Bagenzi, » ndicara, ngatuza maze nkanywa kuri iryo riba rya arutwaze mu gihe avuga Ambwira Amajambo y’Ubugingo Budashira. Kwiyumvira, ko Imana Yamurungitse kuri JEWE NAWE,
kandi ko turi ABAGENZI b’umuhanuzi w’Imana akaba n’intumwa .

Aradukunda cane ku buryo Yaturungikiye umuhanuzi wiWe kugira ngo atubwira vyose vyerekeye Aho tuzoba muri kazoza. Yari anezerejwe cane no kutubwira vyose biherekeye, no mu buryo bw’ido n’ido gusumba ivyabwiwe Yohana. Yaduhishuriye ko atari umurwa wa kwadarato, ariko ni umurwa wa piramide, aho Umwagazi w’Intama Azoba ku gasongero kandi Azoba Umuco w’isi.

Yatumenyesheje ko amabarabara azoba akozwe mw’ izahabu n’amazu tuzobamwo azoba akozwe mw’ izahabu ibonerana. Ashira neza na neza akantu kose bihuye n’ivyo dukunda, hamwe n’ivyo twipfuza gusa. Nta na kimwe Yasize kidakozwe. Umugezi wo mw’Ijuru Yayikoreye TWEBWE gusa, Abakunzi baYo.

Ibiti vy’Ubugingo bizoba biri hariya, kandi bizoba bizokwama ubwoko icumi na bubiri bw’ivyamwa. Amarembo y’uwo murwa ntazoba yugaye mw’ijoro, kuko nta joro ribayo hariya, Azoba Umuco Wacu.

Ni nde agiye kuzoba hariya ?

Ni nde yarokotse mw’isi nshasha hamwe na Nowa umuhanuzi ? Abinjiranye nawe mu bwato. Nivyo ? Abo ni bo bazoyigendagenderako. Murabona ? Abinjiranye na Nowa, kubw’ubutumwa bwiwe, ni bo bagendagendeye kw’isi nshasha inyuma y’umubatizo wayo wo mu mazi.

Avuga TWEBWE bagenzi banje ! Turi mu bwato bwacu bw’iki gihe ; Ijambo ryaYo, Ubu Butumwa, hamwe n’umuhanuzi wacu Nowa. Kandi muri kirya Gihugu, urya Murwa aho Umwagazi w’Intama ari Umuco, azoTUmenya. Turi abantu biwe, utubuyenge twiwe mu gitsibo. Twavuye mu Buseruko no mu Burengero, tuja mu Murwa Wubatswe n’imfuruka zine. Ca Gisagara Aburahamu yarondera.

Nk’uko mbona Ijambo Ryigaragaza ubwaRyo, ndabizi, ata gukekeranya na gatoya, utubuyenge tw’igitsibo canje tuzokayangana gusumba ibintu vyose vyo mw’isi, ico Gihe.

Turashobora no gutangura kwibaza… Umuhanuzi w’Imana yavuze, ko YAMENYE, ata gukekeranya na gatoya, ko TURI utubuyenge tw’igitsibo ciwe, kandi tuzokayangana gusumba ibintu vyose vyo mw’isi ico gihe. Haleluya… Imana Ishimwe… Izina ry’Umwami Rishimwe.

Bagenzi, namba twibaza ko ari igitangaza ubu twicaranye hamwe kw’isi yose, twumviriza kandi turya kw’Ijambo ryiWe kuri izi bande, bizocura iki igihe tuzobana na We muri uwo Murwa !

Umuhanuzi w’Imana azoba umubanyi wacu wo hafi. Tuzosangira nawe kuri ivyo biti, kandi tuzotemberana muri ayo mabarabara. Tuzogendagenda muri ayo mabarabara y’izahabu tugana kuri iyo soko, tunywa kuri iyo soko, dutembera mu ma paradiso y’Imana, hamwe n’Abamarayika bakwiragira kw’isi, baririmba indirimbo.

Yooo, ese uwo Munsi uko uzoba umeze ! Urusha agaciro ibintu vyose. Inzira isa n’inzitane, rimwe na rimwe iragora, ariko, yooo, bizoba bito cane igihe nzoMubona, bito cane. Amazina mabi n’ibindi bavuze bizomera gute, bizomera gute igihe nzoMubona muri urya Murwa mwiza, mwiza w’Imana ?

Bagenzi, ndindiranye igishika co kubona, no kwibera muri urya Murwa. Nkumbuye kuba hariya hamwe n’Umwami n’Umukiza Wacu, umuhanuzi wiWe, kandi hamwe n’umwe wese muri mwebwe.

Ndiko ndaja kuri uriya Murwa Mwiza Umwami Wanje Yateguriye abiWe; Aho Abacunguwe bose bo mu bihe vyose baririmba “Ishimwe!” bakikuje Intebe Yera. Rimwe na rimwe mfise igishika cinshi c’Ijuru, n’ubwiza bwaRyo nzobona hariya; mbega umunezero nzogira igihe nzobona Umucunguzi Wanje, muri uwo Murwa Mwiza w’izahabu!

Ndatumiye isi kuza kwifatanya natwe, bagenzi b’umuhanuzi, mu gihe dukoranira ku Ntebe YiWe kwumviriza Ijwi ry’Imana Rivugana natwe isaha zitandatu z’umutaga, kw’isaha y’i Jeffersonville (isaha cumi na zibiri z’umugoroba mu Burundi), mu gihe tuzoMwumviriza Atubwira ivyerekeye : Ahantu Umukwe Wo mw’Ijuru n’Umugeni Wo kw’Isi Bazoba muri Kazoza, Ubutumwa Bwavuzwe kw’igenekerezo rya 2 Myandagaro umwaka wa 1964. Nshobora kubasezeranira, Uzoba Umunsi w’Intibagirana mu buzima bwanyu.
MweneData Joseph Branham.

Ivyanditswe vyo gusoma :

Matayo 19:28
Yohana 14:1-3
Abefeso 1:10
2 Petero 2:5-6
2 Petero igice ca 3
Ivyahishuriwe Yohana 2:7
Ivyahishuriwe Yohana 6:14
Ivyahishuriwe Yohana 21:1-14
Abalewi 23:36
Yesaya igice ca 4
Yesaya 28:10
Yesaya 65:17-25
Malaki 3:6

22-0911 Ivyobo Vyatobotsemwo Imishwena

Ubutumwa: 64-0726e Ivyobo Vyatobotsemwo Imishwena

Kuvoma Ubutumwa

Ibimenyeshejwe Ibimenyeshejwe ku bijanye n’ugusobanura mu zindi ndimi bikorerwa muri Branham Tabernacle

Bakunzi Banywi b’Iriba ry’Amazi Arutwaze,
Ntituri ingurukizi, turi icamwa c’Ijambo ry’Inkomoko. Mpwemu Yera ubwiWe, Yareze , Aragaragara, hanyuma Yimenyekanisha kuri twebwe. TwaraMwakiriye mukunengesera kwiWe, mu bushobozi bw’ukugaragara kwiWe n’uguhishura kw’Ico Ari, hanyuma twahindutse igice cavyo. Birarengeye ubuzima kuri twebwe.

Mpwemu Yera ubwiWe Yavugiye mu rwavya ruciye bugufi rutabereye maze Avuga ati : « ng’ubu Ububasha budasubirwamwo bwanJe, Ijambo ryanJe , Ritware maze ubandanye, hanyuma uzane Ubutumwa. » Yatwaye Ijambo ryaYo maze araduconga ngo dusohoke, kugira ngo atugire Umugeni wiWe.

Yarahungabanije abapatiri mu kubona abantu baheba amashengero maze bakagenda kuvuza ama bande bavuze bati : « namba umwe muri mwebwe yitabiriye ivyo bikorane azotaramurwa, tuzomushira hanze y’idini ryacu ».

Bishuye bati : mugerageza kuduca intege ariko turabandanya uko biri kwose! Turi mu rugendo n’Umwami Yesu, Urutare rwakubiswe, dufungura imfungurwa z’ umumalayika, Manu ibitswe ivuye mw’Ijuru, kandi tunywa kuri urwo Rutare. Ntidutegeretwa kugira ikibazo c’ivyo turiko turanywa, ni IJAMBO RITUNGANYE gusa.

Twama turonka umuvyuro ubandanya. Isoko yacu yama idudubiza, iguma idudubiza iguma idudubiza kandi iguma idudubiza. Nta herezo ryaYo. Dufise amazi meza afutse buri gihe dufyonda tukavuza. Tubayeho kubw’ivyo kandi twisunga ivyo. Ikintu conyene dusabwa gukora ni ukuba ng’aho maze tukinywera.

Tubeshejweho n’iryo riba ridudubiza buri munsi, ntidutegerezwa gukwega, kwimba, gupompa, canke ico arico cose; kurikira gusa inzira yiwe yateguye ku buntu. Urashobora gukurikira integuro zose zashwizeho n’abantu ukwo ushaka, amariba yose ya kera yawe y’amazi adatemba; ku bwacu, twarashitse kw’iriba ryiwe ritunganye. Ni umunezero wacu. Ni umuco wacu n’inkomezi.

Ni Amazi yanje. Ni Ubugingo bwanje. Ni Uwukiza indwara wanje. Ni Umukiza wanje. Ni Umwami wanje. Ikintu cose nkeneye ndakironka muri We. None ni kuki ngerageza kuja ku kindi kintu ?

Kuri twebwe, nta handi hantu twogenda atari kw’isoko y’Imana Yateguwe. Ntitwigera tugira ikibazo c’ivyo tunywa. Ntidutegerezwa gushiraho akayungiro gashobora gusohora imicafu ariko kagasiga umutobe wanduye. Turafise gusa amazi ya Arutwaze atanduye, arimwo ivyunyunyu n’ingaburo tuba dukeneye.

Yaratwijeje ubugira kandi Ati, « Bane banje batoya ntimusubire kugira ubwoba, mufise icemezo c’inkomoko ca Mpwemu Yera. Mwaranyeretse yuko mwizera buri Jambo ryose. Mwararyakiriye, MURI ABANJE. TURI UMWE. UMUGABO N’UMUGORE.

Mu kanya nje kukurondera, mu kanya nk’ako gukubita urugohe. Ndiko ndagutegurira Inzu nshasha. Muzonezereregwa ukuntu Nayiryohoye. Ndazi ko ari ibigoye kuri wewe ubu kandi ufise ibipimo n’ibigeragezo vyinshi hamwe n’imitwaro yawe iremereye. Ariko ntiwibagire, nta kintu utegerezwa gutinya, Naraguhaye Ijambo ryaNje. Uri Ijambo ryaNje. Naramaze kugukorera ibintu vyose. Vuga ijambo kandi ntukekeranye. Urafise Ukwizera kwaWe, vyongeye umuhanuzi waNje yaguhaye ukwizera kwiWe.

Nokwipfuje ko mwifatanya natwe kuri uyu w’iyinga isaha zitandatu kw’isaha ya Jeffersonville (isaha cumi na zibiri zo ku mugoroba mu Burundi) kugira ngo twumvirize ubutumwa IVYOBO VYATOBOTSEMWO IMISHWENA 64-0726E hama tunywe kuri iyo soko ya arutwaze mugihe idudubiza Ijambo ritagira agasembwa, ridakeneye akayungiro ako ari ko kose.
MweneData Joseph Branham

Ivyanditswe vyo gusoma imbere yo kwumviriza ubutumwa :

Zaburi 36:9
Yeremeya 2:12-13
Yohana 3:16

22-0904 Kumenya Igihe Cawe n’Ubutumwa Bwaco

Ubutumwa: 64-0726m Kumenya Igihe Cawe n’Ubutumwa Bwaco

Kuvoma Ubutumwa

Ibimenyeshejwe Ibimenyeshejwe ku bijanye n’ugusobanura mu zindi ndimi bikorerwa muri Branham Tabernacle

Bakunzi Mwaconzwe kugira ngo musohoke,

Ndashaka ko abantu bose bamenya impamvu tunezerewe cane !

Twaremeye Ijambo ry’Umwami. Ijambo Ryahishuwe Ryavuzwe, n’umuhanuzi w’Imana wo muri Malaki 4. Turi Umugeni wa Yesu Kristo. Turi abagumye ari abizigirwa kw’Ijwi RyiWe Ryagaragajwe. Turi abo Yahaye Akabuyenge k’igiciro kininiya, Uguhishura kw’ukuri kw’Ubutumwa bwiWe n’Intumwa yiWe.

Imana Yafashe Ijambo ry’umuhanuzi waYo kandi Yaraconze Umugeni Yizera akanyuguti kwose n’agace kwose. Yaraduconze, nk’uko Yasezeranye ko Yobikoze. Turi intama z’Imana, kandi twumviriza Ijwi y’Imana Ryonyene! “Intama zaNje zumva Ijwi Ryanje,” mu gihe dufyonda tukavuza.

Turi abantu bavuye mu gihugu cose : kuva New York, kuva Massachusetts gushika Boston, Maine, Tennessee, Georgia, Alabama, no kw’isi yose. Kuva Afrika gushika Mexico, kuva i Buraya gushika Australia, dukoranira hamwe, munsi y’Ubutumwa Bumwe, Ijwi Rimwe kandi Ririko Ryegeranya Umugani kubw’Izamurwa.

Umuhanuzi wacu, intumwa y’Imana, Umwana w’Umuntu Yihishura ubwiWe mu mubiri, Asemerera Ati, “Satani, mvira mu nzira, mfise Ubutumwa bw’Umwami. Ndi intumwa y’Umwami. Mfise Ijambo ryagaragajwe kubw’iki gihe.Natoranirijwe kurongora no gusohora Umugeni waYo.”

“Ndiko nsohora ihanga, ndariconga rivuye muri ibi bintu.” Kurisohora; kuryereka, Ivyanditswe, y’uko Imana Iri ng’aha; hamwe n’ukugaragara kw’Inkingi y’Umuriro.”

Imana Yamenye ko hariho abantu kw’isi Yatoranirije Ubugingo. Yamenye ko igihe cari kigeze co kurungika intumwa yaYo gusohora Umugeni waYo, rero Yarabikoze. Turi ababimenye. Turi Abo Yamenye ko bokwizeye Ijambo Ryose.

Aburahamu yamenye ko Imana Yavugana nawe Iri mubiri w’umuntu. Yamenye ikimenyetso caYo kandi yaYise U-M-W-A-M-I, Elohim, kandi yarahezagiwe n’Umwami. Twaramenye ko, nk’uko vyari biri muri ico gihe, niko bizomera igihe Umwana w’umuntu Azogaragara, Elohim, Avugira mu mubiri w’umuntu.

Turi igice caYo, n’Umwana waYo, kandi tuzogumana naYo ibihe vyose. Si kubw’umuhamagaro wacu canke uguhitamwo kwacu, ariko ni uguhitamwo kwaYo. Ntaco twakoze kuri ivyo. Ni Yo Yadutoranije itanguriro ry’isi ritarashirwaho.

Uko ari ko kwose wovuga Ubutumwa , ico wokora cose, ntibishobora kwera, ntibishobora kugaragara, ntibishobora kwemezwa, Uwavuze Wenyene Ati, “Ndi Umuco w’isi,” Ijambo. Rero hatagerezwa kuza I—I—Inkomezi, Mpwemu Yera ubwiWe, kweza, canke kugaragaza, canke kwemeza, canke kugaragaza ko ico Yavuze kitaraba coshitse muri iki gihe. Umuco wo ku kagoroba Uzana ivyo. Mbega igihe!

Yaratubonye mw’iyerekwa igihe twaca imbere yiwe. Twari mu gihagararo kimwe nk’uko Umugeni Yari Ameze kw’itanguriro, Alufa na Omega. Yabonye bamwe bava mu murongo, kandi yagerageza kuMusubizayo, ariko twari abo basemerera bati, “Turuhukiye kuri Vyo.”

Mwitegereze, “Nk’uko Yane na Yambure nabo bagwanije Mose,” bamwe muri bo bazozanana aho nyene. Si, ubu, ntavuga kuba Metodisiti, aba Batisiti, ng’aha ntibarimwo. Murabona ? Ariko nk’uko Yane na Yambure bagwanije Mose na Aroni, niko nabo, umuntu w’umugarariji kuvyerekeye Ukuri, bononekariye mu vyizerwa n’inyigisho z’ishengero, mu gishingo ca Bibiliya.

Ukuntu dutegerezwa kwitonda cane mu kugumana n’ukuri, Ijambo Ryagaragajwe ry’iki gihe cacu. Dutegerezwa kwama twibuka maze tukamenya uwo Ijambo Rizako. Ni nde umusiguzi wenyene w’Ijambo ava ku Mana ? Ni nde Ijambo ry’igihe cacu?

Mpwemu w’Imana, ari ryo Jambo ry’Imana. “Ijambo Ryanje ni Mpwemu n’Ubugingo,” Rizoshira Umugeni mu kibanza ciWe. Kubera, Azomenya igihagararo ciWe mw’Ijambo, rero Ari muri Kristo, Rizomushira mu kibanza ciWe.

Muratumiwe kuza kwumviriza Ijwi ry’Imana Ryonyene Ryagaragajwe ry’igihe cacu, no kumenya igihagararo canyu mw’Ijambo no gushirwa mu mwanya wanyu mu gihe twumviriza Elohim Avugira mu muhanuzi wiWe kandi Atuzanira Ubutumwa : Kumenya Igihe Cawe n’Ubutumwa Bwaco 64-0726M, isaha zitandatu ku mutaga, kw’isaha y’i Jeffersonville (isaha icumi na zibiri ku mugoroba mu Burundi).
MweneData Joseph Branham.

Ivyanditswe vyo gusoma imbere yo kwumviriza Ubutumwa :
Hoseya : Igice ca 6
Ezekiyeli : Igice ca 37
Malaki : 3:1
Malaki : 4:5-6
2 Timoteyo : 3 :1-9
Ivyahishuriwe Yohana : Igice ca 11

Mana, Remera muri jewe umuvyuro. Reka mbe uwo muvyuro. Umwe wese muri twebwe abe uwo muvyuro, umuvyuro muri jewe. Umpe, Mwami, kugira inzara, umpe kugira inyota. Uremere muri jewe, Mwami, igikenewe muri jewe. Umpe, kuva iyi saha, kuba uwaWe; umukozi yishikanye kurushiriza, umukozi mwiza kurushiriza, ahezagiwe naWe kurushiriza; ashoboye kurushirizaho, yicishije bugufi kurushiriza, umugwaneza kurushiriza, ashaka gukora kurushirizaho; araba cane ku bintu vyiza, kandi yibagira ibintu vya kera, n’ibintu bibi. Undeke nsiganirwe ikimenyetso c’umuhamagaro wo hejuru wa Kristo. Amen.

Rev. William Marrion Branham.

22-0828 Kugenda Inyuma Y Insago

Ubutumwa: 64-0719e Kugenda Inyuma Y Insago

Kuvoma Ubutumwa

Ibimenyeshejwe Ibimenyeshejwe ku bijanye n’ugusobanura mu zindi ndimi bikorerwa muri Branham Tabernacle

Bakunzi Nkukuma,
Ni muze dukoranire hamwe maze twumvirize Ubutumwa 64-0719E Kugenda inyuma y’insago kuri uyu w’Imana isaha zitandatu kw’isaha ya Jeffersonville(isaha cumi na zibiri mu Burundi)
MweneData Joseph Branham

22-0821 Umunsi Mukuru WInzamba

Ubutumwa: 64-0719m Umunsi Mukuru WInzamba

Kuvoma Ubutumwa

Ibimenyeshejwe Ibimenyeshejwe ku bijanye n’ugusobanura mu zindi ndimi bikorerwa muri Branham Tabernacle

Mukunzi Mugeni Fyonda Uvuze,

Kuri buri munsi w’iyinga turakorana tukwumviriza Igikorwa c’Imana Gikurikirwa neza na neza mu mwanya kiriko kiraba, gihambaye kuruta ibindi mu mateka y’isi. Turiko tubaho ibihe vyiza vya mbere vyabayeho mu gihe dukoranira kwumiriza Ijwi ry’Imana ! Ni Yesu, Umwana w’Imana, Yihishura Abicishije mu Vyanditswe, Atuma Ivyanditswe Vyatoranirijwe iki gihe, n’ibidi bihe vyose, Biba Bizima. Kandi kuVyizera, ni ikimenyamenya ca Mpwemu Yera.

Ikimenyamenya c’ukuri co kuba ufise Mpwemu Yera si ukuja gusa kw’ishengero buri yinga ; Nuko wizera yuko « Ndiho, » Ijambo ry’igihe cawe. Ijambo ry’iki gihe ni iki ? Umuhanuzi w’Imana ni Ijambo ry’iki gihe kandi ategerezwa kugarukana abantu kw’Ijambo, kugira ngo Umugeni amenye Umugabo Wiwe, amenye Uwo bashakanye, Ijambo Ryahishuwe.

Ubuzima bwiwe bwite, ibikorwa vyiwe bwite, birahishura kandi bikagaragaza Ijambo ry’iki gihe.

Ni Mpwemu Yera Agaruka mw’Ishengero ubugira kandi ; Kristo, Ubwiwe, Ahishuriwe mu mubiri w’umuntu, mu gihe co ku kagoroba, kurya nyene Yasezeranye yuko Yobikoze. Ndazi yuko ibi bibaniga gatoya, ariko mutegerezwa gusoma hagati y’imirongo kugira mubibone, ivyo bigatuma ishusho iza.

Turi Urubuto cami rwa Aburahamu, Umugeni. Ikimenyetso ca nyuma Aburahamu yigeze kubona imbere yuko umwana w’isezerano aza cari igiki ? Imana, mw’ishusho y’ikiremwamuntu, cashobora kumenya ivyiyumviro vy’abantu. Umugabo umwe, si icumi na babiri, umugabo umwe.

Ndazi ko abantu benshi batemeranya ng’aho, ariko ndazi yuko ari ivyo. Ndabizi. Si kubera ndabivuga yuko namwe muca mubivuga; kuko, ntibiva muri jewe. Ivyiyumviro vya—vyanje si ivyiwanje ubwanje. Icabimbwiye cose, nimba Cihenda, aho rero sivyo. Ariko sindabivuga bivuye kuri jewe, ndabivuga bivanye nivyo Uwundi Muntu Yavuze. Uwo Muntu Wundi ni Imana Yavuganye natwe Igakora ibi bintu vyose Yakoze, Ikagaragara, murabona, nico gituma nzi yuko ari ukuri

Twumviriza ivyiyumviro nyakuri vy’Imana ; atari ivyiyumviro vy’umuntu, ariko ni ivy’Imana. Umuhanuzi wacu ni umuhishuzi w’Ijambo Ryanditswe.

Turatahura yuko kuvuza amabande mu mazu yanyu canke mu mashengero yanyu atari ivy’abantu bose, ariko kuri kubwacu, niyo NZIRA YONYENE. Dukunda kwumva Ijwi ry’Imana Rivugana natwe ata handi Riciye. Ntidukeneye insobanuro canke insiguro n’imwe ; ni Imana Ivugana natwe umunwa ku gutwi.

Kuri uyu w’iyinga tuzokwumviriza Imana Ivugana natwe kandi Itubwira ingene Yeretse umuhanuzi waYo icijiji cacu hakurya. Ingene urya Mugeni yariko amuhanga amaso, amuvugisha, kandi twari duhagararanye na we. Twariko turagendera neza na neza imbere y’Umwami.

Rero Imana Ivugira mu muhanuzi waYo Irahanura ubugira kandi Irongera Ivuga Iti :

Birashoboka ko hoba hari abantu mu bihugu bitandukanye, kw’isi yose, bazoronka iyi bande mu ngo zabo canke mu mashengero yabo. Twosaba, Mwami, ko mu gihe c’igikorane, ku—ku… canke igihe iyi bande iriko iravuzwa, canke aho tuzoba turi hose canke—canke ukwo tuzoba tumeze kwose, Imana Ihambaye yo mw’Ijuru Yubahirize iki kiri mu mitima yacu iki gitondo, maze Ikize ababikeneye, Ibahe ivyo bakeneye.

Namba mwumviriza Amabande hanyuma mukizera yuko Ari Ijwi ry’Imana ku gihe cacu, rero ico mwoba mukeneye ico ari co cose, Imana Izoba Iriko Iravugira mu ntumwa yaYo kandi Ivuge Iti, “Bahe ico ari coc ose bakeneye.”

Ivyo bishobora gushika gusa biciye mu GUFYONDA UKAVUZA mugenzi.

Namba wipfuza kwumva Imana Ivuga kandi Isobanura Ijambo ryaYo bwite Yihishurira mu mubiri w’umuntu, no kuronka ico mukeneye ico ari co cose, ni muze mufatanye natwe ku w’iyinga isaha zitandatu ku muhingamo, kw’isaha y’i Jeffersonville, (Isaha cumi na zibiri kw’isaha y’i Burundi) mu gihe twumva Imana Ivugana natwe mu gihe twumviriza : Umunsi Mukuru W’Inzamba 64-0719M.
MweneData Joseph Branham

Ivyanditswe vyo gusoma imbere yo kwumviriza Ubutumwa :

Abalewi 16
Abalewi 23: 23-27
Yesaya 18: 1-3
Yesaya 27: 12-13
Ivyahishuriwe Yohana 10: 1-7
Ivyahishuriwe Yohana 9: 13-14
Ivyahishuriwe Yohana 17: 8

22-0814 Igikorwa C Akaroruhore

Ubutumwa: 64-0705 Igikorwa C Akaroruhore

Kuvoma Ubutumwa

Ibimenyeshejwe Ibimenyeshejwe ku bijanye n’ugusobanura mu zindi ndimi bikorerwa muri Branham Tabernacle

Mukunzi Gikorwa c’Akaroruhore,
Nshobora kukwandikira gute uyu munsi, ntakwibukije ivyo umwungere wacu yavuze kuri umwe wese muri twebwe kuw’iyinga uheze ?

Ariko kumenya ko aho nshobora kuja hose… Simfise u—umugwi kw’isi, uko ndabizi, uguma iruhande yanje nk’uyu mugwi. Imana Iduhe kuba abadatandukana, kugira ngo, mu Bwami bugiye kuza, dushobore kuba hamwe, ni ryo sengesho ryanje.

Nta mugwi kw’isi ugumana n’umuhanuzi w’Imana, n’Ubutumwa Imana Yavuze ku mabande nka twebwe. Kandi kuko tubikora, tuzoba abadatandukana muri burya Bwami Bushasha hamwe nawe n’Umwami Wacu Yesu Kristo. Nta ciza na kimwe coza gisumba ivyo.

Iyi ni iminsi ihambaye kuruta iyindi mu buzima bwacu. Turahagijwe cane no kuba abasazi ba Kristo n’Ubutumwa bwiWe bw’igihe c’iherezo. Kwitwa uwataye umutwe kubera twizeye Ijambo Ryose Riri kuri ayo mabande no kuvuga, FYONDA UVUZE.

Turi ab’Ishengero Rimwe kandi Ryonyene. Ntitwabaye abanywanyi baRyo, twavukiye muri Ryo. Buri yinga tuja hamwe tuvuye kw’isi yose kandi dusunitswe n’urukundo rwa Kristo maze tukavuga tuti, « Yooo, ukuntu ndaGukunda ‘Yesu’ ! »

Twoshobora kuba abataye umutwe kub’isi, ariko Data Yaduhaye Uguhishura kwiWe bwite muri iki gihe cacu, Imana Yitwikiriye urusato, kandi vyadukwegereye, Umugeni wiWe, kuri We.

Turakunda gusa ukuntu vyiyoroheje, ariko hamwe n’ivyo, es’ ukuntu vyimbitse. Ariko utegerezwa kugira Uguhishurirwa kugira ngo ubibone, kandi TURAGUFISE.

Yinyegeje mu mwitwikiro w’umuntu, mw’Ishengero RyiWe, Yihishura ubwiWe mu kwizera kwawe n’ukwizera kwanje, twese hamwe, tugiye hamwe, tugira ubumwe bw’Imana. Sinshobora gukora ikintu na kimwe ntari kumwe namwe, ntimushobora gukora ikintu na kimwe mutari kumwe nanje, nta n’ubwo mwoshobora gukora na kimwe mutari kumwe n’Imana. Kubw’ivyo, turi kumwe bizana ubumwe, ubumwe buteye ubwoba. Imana Yandungitse kubw’iyo ntumbero ; uravyizera, kandi rero birashika. Ni ivyo gusa, murabona, vyemejwe mu buryo butunganye.

Tumeze nka ba bagabo bari mu nzira bava Emawusi urya munsi. TuraMwumviriza Avugana natwe umunsi wose. Hanyuma tukaMutumira mu mazu yacu ku buryo dushobora kwiyugarana hamwe naWe twenyene. Hanyuma Akora ikintu kinaka conyene Ashobora guko
ra, Amanyagura Umutsima w’Ubugingo Budashira. TuraMumenya ako kanya. Hanyuma tuvuga tuti, imitima yacu ntiyagurugumbiye muri twebwe mu gihe Yavuganira natwe mu nzira yose.

Buri yinga dukorana dufise igishika cinshi, twibaza tuti, « Ni igiki Agiye kutubwira no kuduhishurira iri yinga ». Tuzosangira n’abandi ibisomwa vyinshi vyo muri Bibiliya kandi tubivugeko iyinga ryose. « MwaraMwumvise igihe Yavuga. »

« Vyantwaye imyaka ibihumbi bine kugira ngo nkore Igikorwa c’Akaroruhore Canje ; ariko ubu maze imyaka hafi ibihumbi bibiri nkora ikindi Gikorwa c’Akaroruhore, Wewe, Umugeni Wanje. Nagikoze mu buryo bwaNje butigera buhinduka, nka kurya nyene nakoze Igikorwa c’Akaroruhore Canje Ca mbere, Ijambo Ryanje. Uko niko Nkora Ibikorwa Vy’Akaroruhore Vyanje, kuko ushobora kuba gusa Igikorwa c’Akaroruhore Gitunganye mu gihe gihe ari Ijambo Ritunganye. »

MweneData, ntiwiyumvire nabi kuri ibi, ariko fata umunota umwe wiyumvire. Namba Yakuye kuri We icaremwe c’inkomoko, kugira ngo AMukorere Umugeni, NtiYigeze Akora ikindi caremwe. Yafashe igice c’iremwa ry’inkomoko. Rero, namba Yari Ijambo, Umugeni Ashobora kuba iki ? Ritegerezwa kuba Ijambo ry’inkomoko, Imana Nzima mw’Ijambo.

Muvuga ivya yubire yo gufungura. Turi igice c’icaremwe c’inkomoko. Turi igice c’Ijambo ry’inkomoko. Imana Iba muri twebwe. Turi Igikorwa c’Akaroruhore caYo. Turi umugwi ugumana n’umuhanuzi waYo. Ntawodutandukanya n’umuhanuzi waYo n’Umwami Yesu Kristo. Turi UMWE hamwe naYo.

Namba namwe mwoshaka ko umutima wanyu ugurugumbira muri mwebwe nk’uko bimera muri twebwe, ni muze dufatanye kuri uyu w’iyinga isasita ku mutaga kw’isaha y’i Jeffersonville, (isaha icumi na zibiri zo ku mugoroba i Burundi) nk’igice c’Umugeni muze twese hamwe tuMutumire mu mazu yacu, no mu mashengero yacu, mu gihe twumviriza Imana Ivuga kandi Iduhishurira Amajambo y’Ubugingo Budashira, mu gihe Ituzanira Ubutumwa : Igikorwa c’Akaroruhore, Bwavuzwe kw’igenekerezo rya 5 mukakaro, umwaka wa 1964.
MweneData Joseph Branham.

Ivyanditswe vyo gusoma imbere yo kwumviriza Ubutumwa :

Yesaya 53 : 1-12
Malaki 3 :6
Matayo 24 :24
Mariko 9 :7
Yohana 12:24
Yohana 14:19