Category Archives: Uncategorized

25-0119 Ivyahishuriwe Yohana Igice Ca Gatanu Igihimba Ca 1

Ubutumwa: 61-0611 Ivyahishuriwe Yohana Igice Ca Gatanu Igihimba Ca 1

Ibimenyeshejwe Ibimenyeshejwe ku bijanye n’ugusobanura mu zindi ndimi bikorerwa muri Branham Tabernacle

Bakunzi Mwagizwe Abana b’Imana,

Mbega Urushana rw’igitangaza turiko turagira mu gihe Mpwemu Yera Ariko Amurikira Ijambo RyiWe Umugeni nk’uko bitigeze biba mbere. Ibintu nkumbure twumvise, twasomye kandi twize ubuzima bwacu bwose ubu biriko birakurwako umwitwikiro kandi bihishurwa nk’uko bitigeze biba mbere.

Umuntu yararindiriye iki gihe nyene imyaka ibihumbi. Bose baripfuza kandi basengeye kwumva no kubona ibintu tubona kandi twumva. Mbere n’abavugishwa ba kera baripfuza cane iki gihe. Ukuntu bashaka kubona ugushitswa hamwe n’ukuza kw’Umwami.

Mbere n’abigishwa ba Yesu, Petero, Yakobo na Yohana, abagabo bagendana na We kandi bavugana na We, baripfuza kubona no kwumva ivyo vyose vyari vyarahishijwe. Barasenga ngo Bihishurwe kandi bigaragare ku munsi wabo, mu gihe cabo.

Mu bihe vyose Ndwi vy’Ishengero, intumwa yose, Paulo, Martin na Luther, yashaka kumenya amabanga yose yari yaranyegejwe. Icipfuzo cabo cari ico kubona ugushitswa kw’Ijambo riba mu buzima bwabo. Bashaka kubona ukuza kw’Umwami.

Imana Yari Ifise umugambi. Imana Yari Ifise igihe. Imana Yari Ifise abantu Yari Irindiriye… Mu bihe vyose, vyose vyari vyarananiwe. Ariko Yari Izi, mu kumenya imbere y’igihe kwaYo, ko hazoba ihanga : Umugeni Jambo waYo w’ubwiza, Atunganye. NTIBAZOMUNANIRA. Ntibazogira imyumvikano kw’IJAMBO RIMWE. Bazoba Umugeni Jambo WaYo w’inkumi atagira agatosi.

Ubu nico gihe. Ubu niwo mwanya. Turi abahiswemwo Yarindiriye kuva Adamu agwa maze akabura uburenganzira bwiwe. TWEBWE TURI UMUGENI WAYO.

Imana Yeretse Yohana imbere y’igihe ivyari bigiye kuba vyose, ariko ntiyari azi insiguro yose. Igihe yahamagarwa, yabonye mu kuboko kw’iburyo kw’Uwicaye ku ntebe y’ubwami igitabu canditswe imbere, kidomweko udushashara indwi, ariko nta n’umwe yari abereye kwugurura ico gitabu.

Yohana yarasemereye kandi ararira cane nk’uko vyose vyari vyatakaye, nta vyizigiro vyariho. Ariko Umwami Ashimwe, umwe mu bakuru yamubwiye ati, «Ntaco urira, ehe Intambwe yo mu muryango wa Yuda, Umunago wo kugishitsi ca Dawidi, Yaranesheje, ngo Azingurure igitabu, amene ibikimatanije ndwi».

Cari ico gihe. Wari wo mwanya. Uwo ni we muntu Imana Yari Yatoye ngo yandike ivyo yabonye vyose. Ariko naho biri uko, insiguro yaYyo yose ntiyari izwi.

Imana yari Irindiriye kandi irindiriye igikoresho caYo Yatoye, intumwa mumarayika waYo w’indwi, kuza kw’isi, kugira ngo Ishobore gukoresha ijwi ryayo ngo ribe Ijwi ryaYo, ku Mugeni WaYo. Yashaka kuvuga umunwa ku gutwi ku buryo hatoba UKUDATAHURA. Yo ubwaYo, Yashaka kuvuga no guhishurira amabanga yaYo yose ku mukunzi waYo, Yatorajijwe, Atunganye…TWEBWE!!

Mbega ukuntu yipfuza cane kutubwira ivyo bintu vyose bitangaje. Nk’uko umugabo abwira umugore wiwe ko amukunda kenshi kenshi, kandi ntiyigera aruha kuvyumva, Irakunda kutubwira kenshi kenshi ko Idukunda, Yaduhisemwo, Yaturindiriye, none ubu Iriko Iraza kubera twebwe.

Yari Izi ingene twokunda kuYumva Ibivuga kenshi, kubw’ivyo Yatumye Ijwi RyaYo Rifatwa amajwi, gutyo Umugeni WaYo Ashobore ‘Gufyonda Akavuza’ iminsi yose, no kwumva Ijambo RyaYo Ryuzura imitima yabo.

Umugeni WaYo mukundwa Yariteguye mu kugaburirwa Ijambo RyaYo. Nta kindi tuzokwumviriza, Ijwi RyaYo gusa. Dushobora gusa gufungura Ijambo RyaYo Ritagira agatosi Ryatanzwe.

Turindiranye igishika cinshi. Turavyumva mu bugingo bwacu. Iraje. Twumva umuziki w’ubugeni uriko uravuga. Umugeni Yiteguriye gutambukira mu murongo. Mwese muhagarare, Umugeni araje kubana n’Umukwe wiwe. Vyose vyarateguwe. Igihe carashitse.

Aradukunda gusumba uwundi wese. Turamukunda gusumba uwundi wese. Tugiye kuba Umwe na We, n’abo dukunda bose, mu bihe bidashira.

Uratumiwe kuza kwitegurira ubukwe natwe ku musi w’iyinga isaha zitandatu ku mutaga kw’isaha ya Jeffersonville (isaha imwe y’ijoro mu Burundi), mu gihe tuzotwumva Ijwi ry’Imana Rihishura 61-0611 Ivyahishuriwe Yohana, Igice ca Gatanu Igihimba ca mbere.

MweneData Joseph Branham.

25-0112 Ivyahishuriwe Yohana Igice Ca Kane Igihimba Ca 3

Ubutumwa: 61-0108 Ivyahishuriwe Yohana Igice Ca Kane Igihimba Ca 3

Ibimenyeshejwe Ibimenyeshejwe ku bijanye n’ugusobanura mu zindi ndimi bikorerwa muri Branham Tabernacle

Bakunzi b’Ibihe Bidashira,

Igihe kirageze co gukuraho inkofero yacu y’intambara maze tukambara ivyiyumviro vyacu vya mpwemu, kuko Imana Iriko Iritegurira guha Umugeni waYo Uguhishurirwa kwinshi kw’Ijambo ryaYo.

Izoba Iriko Iraduhishurira amabanga yose ya kahise. Izotubwira ibigiye kuzoba muri kazoza. Ivyo abandi bose bo muri Bibiliya babonye gusa canke bumvise, Izoduhishurira akantu kose k’Ijambo RyaYo n’insiguro yaRyo kuri twebwe.

Tugiye kwumva no gutahura insiguro y’ibimenyetso vyo muri Bibiliya: Ibinyabugingo, Ikiyaga c’Ibirahuri, Intambwe, Inyana, Umuntu, Inkukuma, Intebe y’Imbabazi, Abarinzi, Abakuru, Amajwi, Igikoko n’Igishushanyo caco.

Tuzokwumva kandi dutahure vyose ku bijanye n’abarinzi b’Isezerano rya Kera. Yuda: umurinzi wo mu Buseruko; Efurayimu: umurinzi wo mu Burengero; Reyubeni: umurinzi wo mu Bumanuko; na Dani: umurinzi wo mu Buraruko.

Nta kintu na kimwe cari gushobora kuza aho ari ho hose iruhande y’iyo ntebe y’imbabazi kidaciye kuri iyo miryango. Intambwe, ubwenge bw’umuntu; Inka: inyana y’indogoba ; Inkukuma: Ukwihuta kwaYo.

Ukuntu Ijuru, isi, hagati, n’ahantu hose, bari abarinzi. Kandi hejuru hari Inkingi y’Umuriro. Nta kintu na kimwe cakora kuri iyo ntebe y’imbabazi kidaciye kuri iyo miryango.

Ubu hariho abarinzi b’Isezerano Rishasha: Matayo, Mariko, Luka na Yohana, bagenda batumbera imbere. Irembo ryo mu buseruko ririndwa n’intambwe, irembo ryo mu buraruko ririndwa n’inkukuma iguruka, Yohana, umuvugabutumwa. Hanyuma umuganga wo kuri uru ruhande, Luka, uwo mugabo.

Ubutumwa Bwiza Bune burinda Umuhezagiro wa Pentekote hamwe n’Ivyanditswe vyose kugira ngo Bushigikire neza na neza ivyo bavuze. Kandi ubu Ivyakozwe n’Intumwa bigaragaza uno munsi hamwe n’Ubutumwa Bwiza Bune ko Yesu Kristo ari Wawundi ejo, uno munsi, n’ibihe bidashira.

Iyo uwasizwe w’ukuri w’Imana avuze, ni Ijwi ry’Imana! Dushaka gusa gusemerera tuti, «Uwera, Uwera, Uwera, ku Mwami!»

Nta buryo na bumwe bwo kuRija kure. Mu vy’ukuri, ntidushobora kuRija kure, kuko ntiRizotuja kure. Twashizweko ikimenyetso gushika ku Munsi w’ugucungurwa kwacu. Nta kintu na kimwe co muri kazoza, nta kintu kiriho ubu, ingorane, inzara, inyota, urupfu, canke NTA NA KIMWE, gishobora kudutandukanya n’urukundo rw’Imana ruri muri Kristo Yesu.

Imbere y’ukwo isi iremwa amazina yacu yari yanditswe mu Gitabu c’Ubugingo c’Umwagazi w’Intama kugira ngo tubone UYU MUCO, ngo twakire Iri Jwi, ngo twizere Ubu Butumwa, ngo twakire Mpwemu Yera w’igihe cacu kandi tugendere muri We. Igihe Umwagazi w’intama Yicwa, AMAZINA YACU yanditswe ku Gitabu mu gihe nyene Izina ry’Umwagazi w’Intama Ryandikwamwo. IMANA ISHIMWE!!

Gutyo, nta kintu na kimwe gishobora kudutandukanya n’ubu Butumwa. Nta kintu na kimwe gishobora kudutandukanya n’iryo Jwi. Nta kintu na kimwe gishobora kudutwara Uguhishurirwa kw’iri Jambo. Ni ivyacu. Imana Yaraduhamagaye kandi Iraduhitamwo kandi Iradutoranya. Vyose ni ivyacu, ni ivyacu.

Hari uburyo bumwe gusa bwo kuronka ibi vyose. Utegerezwa kwozwa n’amazi y’Ijambo. Utegerezwa kwumva Ijambo imbere yo gushobora kwinjiramwo. Kandi hari uburyo bumwe gusa ushobora kwegera Imana, ni mu buryo bw’Ukwizera. Kandi Ukwizera kuzanwa n’ukwumva, ukwumva Ijambo ry’Imana, kwerekanywe kuva k’Uwera w’abera kuja mu ntumwa y’igihe.

Rero, ngaha, umumarayika w’igihe c’ishengero ariko arerekana muri ayo mazi uyu Mugabo uwo ari we hano, yerekana imbabazi ziWe, Amajambo yiWe, urubanza rwiWe, izina ryiWe. Vyose vyerekanwa hano aho mutandukanijwe n’ukuvyizera. Murabitahura?

Ntuhagarike kwumviriza amabande, gumana nayo gusa. Birondere mw’Ijambo maze murabe namba ari ukuri. Ni Inzira Imana Yatanze y’iki gihe.

Muze mwifatanye natwe muri kino gihe c’ubukanyi mu gihe tuzoba turi hamwe kw’isi yose maze twumvirize Ijwi Ry’Imana Rihishura Ijambo RyaYo ku Mugeni nk’uko bitigeze biba mbere. Nta gusigwa guhambaye kuruta gufyonda tukavuza maze tukumviriza Ijwi RyaYo.

Bivuye ibwina mu mutima wanje ndashobora kuvuga nti: Ndanezerewe cane ko nshobora kuvuga ko ndi Umwe muri Bo n’umwe wese muri mwebwe.

MweData Joseph Branham.

Ubutumwa: 61-0108 “Ivyahishuriwe Yohana, Igice ca kane Igihimba ca III”

Igihe: Isaha zitandatu ku mutaga kw’isaha ya Jeffersonville (Isaha imwe yo mw’ijoro mu Burundi).

25-0105 Ivyahishuriwe Yohana Igice Ca Kane Igihimba Ca 2

Ubutumwa: 61-0101 Ivyahishuriwe Yohana Igice Ca Kane Igihimba Ca 2

Ibimenyeshejwe Ibimenyeshejwe ku bijanye n’ugusobanura mu zindi ndimi bikorerwa muri Branham Tabernacle

Mukunzi Mugeni Shengero Ryo Muhira,

Reka dukoranire hamwe twese hanyuma twumvirize Ubutumwa, 61-0101 Ivyahishuriwe Yohana Igice ca Kane Ikigabane ca II uno w’iyinga isaha zitandatu zo ku mutaga kw’isaha ya Jeffersonville (isaha imwe yo mw’ijoro mu Burundi).

MweneData Joseph Branham

24-1231 Ukunyinyurana – Ingaburo Yera

Ubutumwa: 62-1231 Ukunyinyurana

Ibimenyeshejwe Ibimenyeshejwe ku bijanye n’ugusobanura mu zindi ndimi bikorerwa muri Branham Tabernacle

Mugeni Mukundwa,

Nizigiye ko umwe wese muri mwebwe yagize Noheli y’igitangaza hamwe n’abagenzi banyu n’umuryango. Ese ukuntu nkenguruka uyu munsi ku kumenya ko Umwami Wacu Yesu Atari mu bwato bw’inka nk’uko isi iMubona uno munsi, ariko ni Muzima kandi Ari hagati mu Mugeni WiWe, Yihishura ubwiWe mw’Ijwi RyiWe nk’uko bitigeze biba mbere, UMWAMI ASHIMWE.

Nk’uko namaze kubitangaza, nipfuza ko tugira Isangira Ryera irindi rimwe mu mazu yacu/mu mashengero yacu buca ari Umwaka Mushasha, kuwa 31 Kigarama. Ku bipfuza gukora ico gikorwa, tuzokwmviriza Ubutumwa, 62-1231 Ukunyinyurana, hanyuma rero duce tuja mu gikorwa c’Isangira Ryera, ico mweneData azana ku mpera y’Ubutumwa.

Ku bizera bo ng’aha, tuzotangura bande kw’isaha imwe y’ijoro. Ariko, kuri abo baba ahantu h’amasaha atandukanye n’ayacu, ndasavye mutangure Ubutumwa kw’isaha ibabereye nziza. MweneData Branham amaze kuzana Ubutumwa bwiwe bw’ubuca ari Umwaka mushasha, tuzohagarika bande agace ka 59 gaheze (ku munota wa 53:04), maze tugire nk’iminota icumi y’umuziki w’inanga mu gihe dufata Ingaburo y’Umwami. Mu nyuma tuzobandanya bande, mugihe MweneData Branham arangiza igikorane. Kuri iyo bande, ntakora igice c’ukwozanya ibirenge, natwe ntituzogikora.

Amabwirizwa y’ukuntu turonka umuvinyu, n’ukuntu dukora umukate w’Isangira Ryera dushobora kubibona ku mihora iri munsi. Mushobora kuvuza canke kuvoma ijwi ku muhora canke mushobora kuvuza gusa ico gikorane kuri Radiyo y’Ijwi ku muhora wa Lifeline (kizoba kiriko kiravuzwa mu congereza isaha imwe y’ijoro kw’isaha ya Jeffersonville).

Mu gihe twegereje uwundi mwaka w’igikorwa c’Umwami Wacu, tuMugaragarize urukundo mu kubanza kwumviriza Ijwi RyiWe, hanyuma rero dusangire Ingaburo YiWe. Mbega umwanya w’ubwiza kandi w’icubahiro uja kuba mu gihe dusubira gushikana ubuzima bwacu ku Gikorwa CiWe.

Imana Ibahezagire.

MweneData Joseph.

24-1229 Ivyahishuriwe Yohana Igice Ca Kane Igihimba Ca 1

Ubutumwa: 60-1231 Ivyahishuriwe Yohana Igice Ca Kane Igihimba Ca 1

Ibimenyeshejwe Ibimenyeshejwe ku bijanye n’ugusobanura mu zindi ndimi bikorerwa muri Branham Tabernacle

Bakunzi Bera Bambaye Imvune Zera,

Igihe twumviriza Ijwi ry’Imana Rivugana natwe, ikintu kinaka kiraba i bwina mu mushaha wacu. Turahinduka rwose kandi abadukikuje basa nk’abazazanirwa. Ninde ashobora kuvuga ikiriko kiba mu mitima yacu, mu bwenge bwacu, no mu mushaha wacu, mugihe Ijwi ry’Imana Rihishura Ijambo RyiWe ku Butumwa bwose twumviriza?

Nk’umuvugishwa wacu, twiyumva dutwawe mw’ijuru rya gatatu hanyuma impwemu yacu isa nk’iyiva muri uyu mubiri upfa. Nta majambo ahari yo gusobanura ukuntu twiyumva mugihe Imana Ihishurira Ijambo RyaYo twebwe uko bitigeze kubaho.

Yohana yatwawe ku kizinga Patimo hanyuma asabwa kwandika ivyo yabonye no kubishira mu gitabu citwa Ivyahishuriwe Yohana, kugira bize bitangwe mu bihe vyose. Ayo mabanga yari yarahishijwe kugeza aho yahishurirwa twebwe biciye mu marayika ntumwa w’indwi waYo yatoranijwe.

Nuko Yohana yumvise ryaJwi nyene hejuru yiwe hanyuma atwarwa mw’ijuru rya gatatu. Rya Jwi Ryamweretse ibihe vy’ishengero, ukuza kw’Abayuda, ugusukwa kw’ivyago, Izamurwa, Ukugaruka, Inganji y’Imyaka Igihumbi, hamwe n’Ahantu Hahoraho Hazoba abacunguwe baYo. Yaramutwaye hanyuma yereka mbere ibintu vyose Yohana nk’uko Yavuze ko Yobikoze.

Ariko ninde Yohana yabonye igihe yabona imyiteguro? Nta numwe vy’ukuri yabimenye kugeza uno munsi.

Ikintu ca mbere yabonye mu kugaruka yari Mose. Agereranywa n’abera bapfuye bazozuka, ibihe bitandatu vyose bisinziriye. Kandi si Mose wenyene yari ahagaze hariya, ariko Eliya yari hariya nawe.

Uwo Eliya yari ahagaze yari nde?

Kandi Eliya yari hariya; intumwa y’igihe ca nyuma, ari kumwe n’umugwi wiwe, w’abahindutse, Abazamuwe.

IMANA ISHIMWE… HALELUYA… ninde Yohana yabonye ahagaze hariya? Ntawundi atari intumwa mumarayika w’indwi w’Imana, William Marrion Branham, hamwe n’UMUGWI WIWE WAHINDUWE, WAZAMUWE… UMWE WESE MURI TWEBWE!! Eliya yagereranywa n’umugwi wahinduwe. Mwibuke Mose yabaye uwa mbere,hanyuma hakurikira Eliya. Eliya yategerezwa kuba intumwa y’igihe canyuma, kugira we n’umugwi wiwe bazuke… baze… neza, haze Izamurwa, ndavyibaza. Mose yazanye ukuzuka, hanyuma Eliya azana umugwi Wazamuwe. Kandi, bose bari baserukiwe neza hariya.

Tuvuge kuvy’ugukurwako umwitwikiro, uguhishura, n’Uguhishurirwa.

Ng’uyu! TuraMufise ubu, Mpwemu Yera, Yesu Kristo, wawundi nyene ejo hahise, uno munsi, n’ibihe bidashira. Uri… Arakubwira Ubutumwa, Arakwigisha, Agerageza gutuma ubona iciza n’ikibi. Ni Mpwemu Yera ubwiWe Avuga Akoresheje iminwa y’umuntu, Akora mu bantu, Agerageza kwerekana imbabazi n’ubuntu.

Turi Abera Bambaye Imvune Zera umumarayika waYoyabonye Baza bava mu mihingo yose y’isi kugira barye Umutsima w’Ubugingo. Dufitaniye amasezerano kandi twashingiwe kuri We kandi twarumvise ukudusoma kwiWe kw’ukuresha mu mutima wacu. Dufise isezerano na We, hamwe n’Ijwi ryiWe Ryonyene. Ntitwigera, kandi ntituzokwigera twiyononesha irindi jwi iryo ari ryo ryose.

Umugeni Ariko Aritegurira kujanwa nk’uko Yohana yakoze; mu Nyonga h’Imana. Tuzozamurwa kw’Izamurwa ry’Ishengero. Ese ukuntu ivyo biryohera umushaha wacu!

Ni iki Agiye Kuduhishurira Ubukurikira?

Imanza; akabuye ka simaragido; hamwe n’ico kagereranwa; ico kakoze. Yasipi, hamwe n’ayandi mabuye yose atandukanye. Azobihera vyose muri Ezekiyeli, hariya mw’Itanguriro, na hariya mu Vyahishuriwe Yohana, ukagaruka hagati ya Bibiliya, abishire hamwe; ayo mabuye yose atandukanye n’amabara.

Ni wawundi Mpwemu Yera nyene, ya Mana nyene, yerekana vya bimenyetso nyene, vya ibitangaza nyene, Ikora vya bintu nyene nk’uko gusa Yabisezeranye. Ni Umugeni wa Yesu Kristo Witegura mu kwumviriza Ijwi ryaYo.

Turabatumiye kwiyunga natwe mu gihe twinjira ahantu ho mw’ijuru isaha cumi na zibiri zo ku mutaga, isaha ya Jeffersonville ( isaha imwe yo mw’ijoro mu Burundi), kwumviriza Eliya, intumwa y’Imana muri kino gihe canyuma, ahishura amabanga yari yaranyegejwe mu bihe vyose.

MweneData Joseph Branham

Ubutumwa: 60-1231 Ivyahishuriwe Yohana Igice Ca Kane Igihimba ca 1

• Mwibuke Ubutumwa bwacu bw’Umwaka Mushasha, kuwa kabiri mw’ijoro: Ukunyinyurana 62-1231. Nta bundi buryo bwiza bwo gutangura Umwaka Mushasha.

24-1201 Inkumi Cumi, N’ Abayuda Ibihumbi Ijana Na Mirongo Ine Na Bine

Ubutumwa: 60-1211m Inkumi Cumi, N’ Abayuda Ibihumbi Ijana Na Mirongo Ine Na Bine

Ibimenyeshejwe Ibimenyeshejwe ku bijanye n’ugusobanura mu zindi ndimi bikorerwa muri Branham Tabernacle