23-0611 Inkumi Cumi, N’ Abayuda Ibihumbi Ijana Na Mirongo Ine Na Bine

Ubutumwa: 60-1211m Inkumi Cumi, N’ Abayuda Ibihumbi Ijana Na Mirongo Ine Na Bine

Kuvoma Ubutumwa

Ibimenyeshejwe Ibimenyeshejwe ku bijanye n’ugusobanura mu zindi ndimi bikorerwa muri Branham Tabernacle

Bakunzi Abakunda Manu,

Turanezerewe kuko dushobora gufungura Imfungurwa zitagira igufa canke urubuto muri zo. Imitsima imanuka ivuye mw’Ijuru, yitwa « Manu, » Ipfukishijwe uburyohe bwose bwo mw’Ijuru.

Kubwo Uguhishurirwa kwa Mpwemu Yaduhishuriye ko hariho ikibanza kimwe gusa dushobora kuronkamwo Iyi Manu nshasha itarimwo imbuto : Mu kwumviriza Ijwi ry’Imana Yateguriye Umugeni waYo.

Nico gisabo ciWe ko muri buri gihe amashengero yokwumviriza Ijwi ry’Umwami. Muri iki gihe ca nyuma , igisabo ciWe kirarengeye gusumba mbere n’ikindi gihe ; kuko iki ari igihe c’Ukuza kw ‘Umwami. Yaratugabishije, mu vyihuta vyose, y’uko dutegerezwa kwumviriza Ijwi ryiWe ry’ukuri ryagaragajwe.

Yooo,hariho Amajwi menshi mw ‘isi- Ingorane nyinshi kandi bikenerwa kubimerera magabo ; Ariko ntihazokwigera habaho Ijwi ngirakamaro cane kandi Ribereye gukurikira nk’Ijwi rya Mpwemu. Rero, « Uwuri n’ugutwi niyumve ico Mpwemu abwira Amashengero. »

Ukwo ni, ukugabisha kwiWe ku mashengero yiwe, Ukuntu ari ngirakamaro kwumviriza IJWI rya Mpwemu. Vy’ukuri aho niho umwansi azomenera, agerageza kwigiza kure akamaro ko kwumviriza iryo IJWI mu bantu.

Atubwira ko hariho AMAJWI MENSHI. Hariho ingorane nyinshi n’imitwaro myinshi kandi bikenerwa kubimerera magabo , ariko ntimwibagire, mutegerezwa kwumviriza IJWI RYIWE RYAGARAGAJWE.

Asangwa ndabababaje mukuvuga ivyo, murantunga, ariko niyumvisemwo ko nobivuga, ariko, ndi Ijwi ry’Imana kuri mwebwe.

Ng’iyo inyishu : NDI IJWI RY’IMANA KURI MWEBWE.

Biratahuritse cane ku Mugeni wiWe. Si ibinyegezwa, biri hariya ku mugaragaro. Umuntu wese arashobora kubisoma. Simbwira abantu ikintu Atavuze… Sindiko ndaciremera. Atubwira neza ikintu dutegerezwa gukora. Ubugombe bw’Imana butunganye ni UKWUMVIRIZA IJWI RYIWE KANDI NI IJWI RY’IMANA KURI TWEBWE.

BeneData na bashikibacu, sindiko ndavuga ko mutoshobora kwumviriza abungere banyu. Sindiko ndavuga ko atari ab’ubukuri canke ab’ibikinyoma igihe bigisha. Vy’ukuri Umwami yadushize hano kugira tube imfashanyo ku Mugeni hanyuma tubakangurire KUGARUKA kw’Ijambo ry’inkomoko ; mu gushira Iryo Jwi Imbere yanyu nk’Ijwi ngirakamaro cane mwoshobora kwumviriza. Dutegerezwa KUGARUKA KU BUGOMBE BUTUNGANYE BW’IMANA. Adamu yashumushijwe, ahabwa inkomezi kw’Ijambo. Imana yavugana na Adam umunwa ku gutwi buri munsi mw’itongo, kandi uyu munsi, Iriko irakora ico kintu nyene.

*Twotegerejwe guhagara mu canzo maze tukavuga tuti, “Turi Benedata!” Ntitwiciyemwo ibice, twese turi umubiri umwe, ivyizigiro bimwe n’inyigisho zimwe (Inyigisho za Bibiliya)

Turi BeneData. Sindiko ndagerageza gusambura amashengero, ndiko ngerageza kugira twiyungire hamwe n’ikintu gusa gishobora gushira hamwe Umugeni. Twese ntidushobora kwemeranya N’UMUNTU WESE canke UMUGWI W’ABAKOZI B’IMANA, bose baratandukanye, kandi bavuga ibintu bitandukanye. Hariho GUSA Intumwa Mumalayika w’indwi imwe. Hariho Ijwi ry’Imana rimwe gusa. Ijwi Imana yateguriye Umugeni waYo riri kuri Bande.

Reka ndabishire kumugaragaro, Uguhishurirwa kwanje ni : Kwumviriza Ijwi ry’Imana kuri Bande ni UBUGOMBE BW’IMANA BUTUNGANYE .

Nko mu gihe ca Samweli, igihe abantu bamwegera hanyuma bamubwira ko bari bakeneye umwami wo kubarongora. Vyateye umubabaro umutima wiwe. Yaragiye ku Mana hanyuma aYibwira ivyo bari bakeneye. Imana yabwiye Samweli Iti, ntibanse wewe, Samweli, Banse jeWe, kugira sindabaganze.

Ni gute ukuganza kwiWe kuri bo kwari kumeze? KUBW’UMUHANUZI WIWE SAMWELI. Ivyo vyari UBUGOMBE BWIWE BUTUNGANYE, kandi baramwanse. Kugira ngo ube Umugeni wiwe utegerezwa KUGARUKA ku bugombe bwiwe butunganye. Ntushobora kugira UBUGOMBE BUBIRI BUTUNGANYE.

Es’ ukuntu nokwipfuje yuko Umugeni wese yo kwiyunga kw’isi yose kugira ngo yumvirize ijwi ry’Imana mu mwanya umwe. Atari kubera “ JEWE” Ndabivuze, ariko kubera ko ari Imana Iriko IRABIKORA. Ico nico kintu conyene gishira umugeni waYo hamwe.

Ndabatumiye kugira ngo muze kwumviririza hamwe n’ igice c’Umugeni, kuw’iyinga isaha zitandatu z’umuhingamo, isaha ya Jeffersonville (zikazoba ari isaha cumi na zibiri z’ umugoroba mu Burundi), mu kumviriza : Inkumi Cumi, n’Abayuda Ibihumbi Ijana na Mirongo Ine na Bine 60-1211M.

Asangwa utokwiyunga natwe, tera intege umwungere wawe mu kumviriza ijwi ry’Imana kuri uyu w’iyinga mu gatondo mw’ishengero ryanyu. Mwoshobora kwiyumvira umugeni wo kw’isi yose, mw’ishengero ryose, mu nzu yose, canke aho ari ho hose muri, mwumviriza
manu nshasha Ipfukishijwe uburyohe bwo mw’Ijuru.

MweneData Joseph Branham