25-0119 Ivyahishuriwe Yohana Igice Ca Gatanu Igihimba Ca 1

Ubutumwa: 61-0611 Ivyahishuriwe Yohana Igice Ca Gatanu Igihimba Ca 1

Ibimenyeshejwe Ibimenyeshejwe ku bijanye n’ugusobanura mu zindi ndimi bikorerwa muri Branham Tabernacle

Bakunzi Mwagizwe Abana b’Imana,

Mbega Urushana rw’igitangaza turiko turagira mu gihe Mpwemu Yera Ariko Amurikira Ijambo RyiWe Umugeni nk’uko bitigeze biba mbere. Ibintu nkumbure twumvise, twasomye kandi twize ubuzima bwacu bwose ubu biriko birakurwako umwitwikiro kandi bihishurwa nk’uko bitigeze biba mbere.

Umuntu yararindiriye iki gihe nyene imyaka ibihumbi. Bose baripfuza kandi basengeye kwumva no kubona ibintu tubona kandi twumva. Mbere n’abavugishwa ba kera baripfuza cane iki gihe. Ukuntu bashaka kubona ugushitswa hamwe n’ukuza kw’Umwami.

Mbere n’abigishwa ba Yesu, Petero, Yakobo na Yohana, abagabo bagendana na We kandi bavugana na We, baripfuza kubona no kwumva ivyo vyose vyari vyarahishijwe. Barasenga ngo Bihishurwe kandi bigaragare ku munsi wabo, mu gihe cabo.

Mu bihe vyose Ndwi vy’Ishengero, intumwa yose, Paulo, Martin na Luther, yashaka kumenya amabanga yose yari yaranyegejwe. Icipfuzo cabo cari ico kubona ugushitswa kw’Ijambo riba mu buzima bwabo. Bashaka kubona ukuza kw’Umwami.

Imana Yari Ifise umugambi. Imana Yari Ifise igihe. Imana Yari Ifise abantu Yari Irindiriye… Mu bihe vyose, vyose vyari vyarananiwe. Ariko Yari Izi, mu kumenya imbere y’igihe kwaYo, ko hazoba ihanga : Umugeni Jambo waYo w’ubwiza, Atunganye. NTIBAZOMUNANIRA. Ntibazogira imyumvikano kw’IJAMBO RIMWE. Bazoba Umugeni Jambo WaYo w’inkumi atagira agatosi.

Ubu nico gihe. Ubu niwo mwanya. Turi abahiswemwo Yarindiriye kuva Adamu agwa maze akabura uburenganzira bwiwe. TWEBWE TURI UMUGENI WAYO.

Imana Yeretse Yohana imbere y’igihe ivyari bigiye kuba vyose, ariko ntiyari azi insiguro yose. Igihe yahamagarwa, yabonye mu kuboko kw’iburyo kw’Uwicaye ku ntebe y’ubwami igitabu canditswe imbere, kidomweko udushashara indwi, ariko nta n’umwe yari abereye kwugurura ico gitabu.

Yohana yarasemereye kandi ararira cane nk’uko vyose vyari vyatakaye, nta vyizigiro vyariho. Ariko Umwami Ashimwe, umwe mu bakuru yamubwiye ati, «Ntaco urira, ehe Intambwe yo mu muryango wa Yuda, Umunago wo kugishitsi ca Dawidi, Yaranesheje, ngo Azingurure igitabu, amene ibikimatanije ndwi».

Cari ico gihe. Wari wo mwanya. Uwo ni we muntu Imana Yari Yatoye ngo yandike ivyo yabonye vyose. Ariko naho biri uko, insiguro yaYyo yose ntiyari izwi.

Imana yari Irindiriye kandi irindiriye igikoresho caYo Yatoye, intumwa mumarayika waYo w’indwi, kuza kw’isi, kugira ngo Ishobore gukoresha ijwi ryayo ngo ribe Ijwi ryaYo, ku Mugeni WaYo. Yashaka kuvuga umunwa ku gutwi ku buryo hatoba UKUDATAHURA. Yo ubwaYo, Yashaka kuvuga no guhishurira amabanga yaYo yose ku mukunzi waYo, Yatorajijwe, Atunganye…TWEBWE!!

Mbega ukuntu yipfuza cane kutubwira ivyo bintu vyose bitangaje. Nk’uko umugabo abwira umugore wiwe ko amukunda kenshi kenshi, kandi ntiyigera aruha kuvyumva, Irakunda kutubwira kenshi kenshi ko Idukunda, Yaduhisemwo, Yaturindiriye, none ubu Iriko Iraza kubera twebwe.

Yari Izi ingene twokunda kuYumva Ibivuga kenshi, kubw’ivyo Yatumye Ijwi RyaYo Rifatwa amajwi, gutyo Umugeni WaYo Ashobore ‘Gufyonda Akavuza’ iminsi yose, no kwumva Ijambo RyaYo Ryuzura imitima yabo.

Umugeni WaYo mukundwa Yariteguye mu kugaburirwa Ijambo RyaYo. Nta kindi tuzokwumviriza, Ijwi RyaYo gusa. Dushobora gusa gufungura Ijambo RyaYo Ritagira agatosi Ryatanzwe.

Turindiranye igishika cinshi. Turavyumva mu bugingo bwacu. Iraje. Twumva umuziki w’ubugeni uriko uravuga. Umugeni Yiteguriye gutambukira mu murongo. Mwese muhagarare, Umugeni araje kubana n’Umukwe wiwe. Vyose vyarateguwe. Igihe carashitse.

Aradukunda gusumba uwundi wese. Turamukunda gusumba uwundi wese. Tugiye kuba Umwe na We, n’abo dukunda bose, mu bihe bidashira.

Uratumiwe kuza kwitegurira ubukwe natwe ku musi w’iyinga isaha zitandatu ku mutaga kw’isaha ya Jeffersonville (isaha imwe y’ijoro mu Burundi), mu gihe tuzotwumva Ijwi ry’Imana Rihishura 61-0611 Ivyahishuriwe Yohana, Igice ca Gatanu Igihimba ca mbere.

MweneData Joseph Branham.