Ubutumwa: 64-0614m Imana Yiyerekanye
- 25-1102 Imana Yiyerekanye
- 24-0218 Ugukurwako Umwitwikiro KwImana
- 22-0731 Ugukurwako Umwitwikiro KwImana
- 21-0516 Ugukurwako Umwitwikiro Kw Imana
- 19-0630 Ugukurwako Umwitwikiro KwImana
- 19-0623 Ugukurwako Umwitwikiro KwImana
- 16-1127 Ugukurwako Umwitwikiro KwImana
Ibimenyeshejwe Ibimenyeshejwe ku bijanye n’ugusobanura mu zindi ndimi bikorerwa muri Branham Tabernacle
Mukunzi Jambo Ryagaragajwe,
Turashobora kuvyiyumvira! Ya Nkingi y’Umuriro nyene Yaje kuri abo bagabo banditse Bibiliya ni Yo Nkingi y’Umuriro nyene twumviriza iminsi yose, Idusobanurira amabanga yose ya Bibiliya: Ijambo Ry’Imana Ryagaragajwe !
Imana Yari Yitwikiriye mu bavugishwa baYo ba kera kugira ngo Ibabwire Amajambo YaYo. Ivyo ni vyo Yakoze ico gihe. Ariko mu gihe cacu, umuvugishwa wacu, William Marrion Branham yari Ijambo Rizima ku bantu, Ritwikiriwe n’Inkingi y’Umuriro.
Ugusigwa ni umuntu. Ijambo Kristo risobanura “uwasizwe,” murabona, “uwasizwe.” Ico gihe, Mose yari Kristo mu gihe ciwe, yari uwasizwe. Yeremiya yari Kristo mu gihe ciwe, afise igice c’Ijambo ry’ico gihe.
Imana Isobanura Ijambo RyaYo bwite. MweneData Branham yaraYavuze; Imana YaraYasobanuye. Yari afise Ijambo. Si umugwi, William Marrion Branham! Imana Yaronse UMUNTU UMWE. Ntashobora kuronka ubwenge bubiri canke butatu butandukanye bufise ivyiyumviro bitandukanye. Ifata UMUNTU UMWE, kandi acika Ijambo ry’Imana Rizima Ritwikiriwe inyuma y’umubiri w’umuntu.
Ntitukiri inyuma y’uwo mwitwikiro, bana bato. Imana Yarigaragaje neza kuri mwebwe. Umwitwikiro wa kera w’idini n’uw’imigenzo watwikira Ijambo ry’Imana waratantamutse, kugira Rishobore kugaragara! Muri iki gihe ca nyuma, ico gihuzu c’imigenzo caratantabutse, kandi ng’iyi Inkingi y’Umuriro. Ng’Iyi, Igaragaza Ijambo ry’iki gihe. Igihuzu caratantabutse.
Mwitegereze ayo ma bande uko aza, mwitegereze umwe wese, ingene Rirushirizaho kuba Iritomoye; namba ufise amatwi yo kwumva, murabona, amaso yo kubona.
Ivyo ni vyo bigihuma amaso abantu iki gihe. Bashaka kuvuga ko bizera ko umuvugishwa w’Imana yazanye Ijambo ariko ko ubu, ukwo gusigwa kuri ku bandi ngo baturongore, atari umuvugishwa.
Umuvugishwa yatubwiye ko Imana Idashobora kwihenda Ijambo RyaYo. Mu gihe ca nyuma, bitegerezwa kuba co kimwe ubugira kandi. Imana Ntishobora guhindura inzira yaYo, canke guhindura Ijambo RyaYo. Yavuze ko Itahindutse. Yama Irungika abavugishwa baYo atari ukugira ngo bazane Ijambo RyaYo vyonyene, ariko ngo barongore Umugeni WaYo.
Nk’uko vyakozwe mu bihe vyose, Ubumana bwari butwikiriwe mu mubiri w’umuntu. Murabe, ni vyo. Abavugishwa bari Ubumana, butwikiriye. Bari Ijambo ry’Imana (ni vyo?) Ritwikiriwe mu mubiri w’umuntu. Kubw’ivyo, naho nyene ntibamenye Mose wacu, murabona, Yesu.
Ubu, kubwacu si Ijambo Ryanditswe gusa, ni ukuri. Ubu turi muri We. Ubu turiko turahimbarwa. Ubu turaMwihweza. Ubu turaMubona, Ijambo, Arigaragaza.
Rero, ducika igice ciWe. Turi umwitwikiro uMutwikira. Turi igice ciWe; igihe cose Kristo Ari muri mwebwe, nk’uko Kristo Yari Uw’Imana.
Turi mu ngoro ya Kristo inyuma y’umwitwikiro w’urukoba rwacu rw’umuntu. Turi ivyete vyanditswe, Ijambo Ryanditswe. Turi Ijambo Ryanditswe, Ryagaragajwe.
Kandi iyo ubonye Ijambo Rigaragajwe, ubona Imana Data, kuko Jambo Ari Data. Ijambo Ni Imana. Kandi Ijambo, Ryagaragajwe, Ni Imana ubwaYo Ifata Ijambo RyaYo Bwite IkaRigaragaza mu bizera. Nta kintu na kimwe gishobora kuRigira Rizima atari abizera, abizera gusa.
Imana, Itwikiriye mu mubiri w’umuntu, Ivuga kandi Iduhishurira Ijambo RyaYo umunsi ku munsi. Imana mu mubiri w’umuntu Iba muri umwe wese muri twebwe.
MweneData Joseph Branham
Ubutumwa: 64-0614M – “Imana Yiyerekanye”.
Igihe: isaha zitandatu z’umutaga kw’isaha ya Jeffersonville (isaha imwe y’ijoro mu Burundi).
*Mwibuke igihe co mu rushana.