Category Archives: Uncategorized

25-1130 Igikorwa C Akaroruhore

Ubutumwa: 64-0705 Igikorwa C Akaroruhore

Kuvoma Ubutumwa

Ibimenyeshejwe Ibimenyeshejwe ku bijanye n’ugusobanura mu zindi ndimi bikorerwa muri Branham Tabernacle

Mukunzi Gikorwa c’Imana c’Akaroruhore,

Ubuzima bwose bw’ukuri bwari mu mutumba, umurayi, no mu gishishwa, ubu buriko bukoranira muri twebwe, Uruvyaro Cami rw’Imana, Ibikorwa vyiwe vy’akaroruhore, kandi buriko butegurirwa kuzuka, hamwe n’iyimbura. Alufa yacitse Omega. Uwa mbere yacitse uwa nyuma, uwa nyuma na we ubu ni uwa mbere. Twaraciye mu nzira runaka maze tuba Ibikorwa vyiwe vy’Akaroruhore, igice cavuye kuri We.

Umugeni n’Umukwe ni Umwe!

Imana Yeretse umuvugishwa waYo imbere y’igihe umwe wese muri twebwe, Ibikorwa vyaYo vy’Akaroruhore, mu kwerekwa. Mu gihe yari ahagaze hariya ari kumwe n’Umwami yitegereza Umugeni Aca imbere yiwe.

Yarabonye umwe wese muri twebwe. TWESE amaso yacu yari ahanze KURI WE NEZA. Yavuze ko turi abantu basa n’abeza kuruta abandi bose yigeze kubona mu buzima bwiwe. Hariho gusa ikintu kinaki cari kidukikuje. Twari abeza cane kuri We.

Nimwibuke, uku kwari UKWEREKWA Umugeni; Uko Yoba Asa, no kutubwira neza na neza ivyo Yari Ariko Arakora. Nimwumvirize neza.

Azova mu mahanga yose, acike Umugeni. Umwe wese yari afise umushatsi muremure, kandi ata vyo kwisiga amarangi, ari abakobwa beza vy’ukuri. Kandi bariko barandaba. Ivyo vyerekana Umugeni ava mu mahanga yose. Murabona ? We, umwe wese yaserukira ihanga, uko batambuka mu buryo butunganye bahuje n’Ijambo.

Umugeni, reka mvuge ivyo ubugira kandi, UMUGENI, wo mu mahanga yose yari ahanze amaso ku mwungere wabo, ku mugwi w’abantu….OYA, ivyo sivyo yavuze. Bari bahanze amaso KU MUVUGISHWA, bamuraba.

Igihe cose bagumiza ijisho ryabo ku muvugishwa, batambukira mu gutungana. Ariko rero aratugabisha, hari ikintu cabaye. Bamwe baramukurako amaso batangura kuraba ikindi kintu cavuyemwo uruzazane.

Kandi, rero, ntegerezwa kuMuraba. Azova mu nzira z’Ijambo ni ntaraba, igihe ariko ararengana, n’iyo yabikora. Nkumbure kizoba ari igihe canje, igihe nzoba ntagihari, murabona, igihe nzoba nararangije, canke ico ari co cose.

Ategerezwa kuMuraba, Atari ukwo Azova mu nzira mu gihe Arengana. Ariko aca avuga ngo nkumbure coba ari igihe canje, igihe nzoba nararangije, igihe nzoba ntagihari hano, Bazova mu nzira mu kutarangamiza amaso yaBo kuri we.

Yariko aragabisha neza UMUGENI, Mutegerezwa kugumiza amaso yanyu kw’Ijwi Ry’Imana Riri ku ma bande. Iyo ni yo nzira Imana Yatanze y’iki gihe. Iryo ni ryo Jwi Rizohuza kandi Rizotunganya Umugeni. Niwakura amaso n’amatwi yawe kw’Ijwi, Uzova ku murongo winjire mu ruzazane.

Ubutumwa bwose burushiriza gutomoka. Ni Imana y’ubushobozi Iriko Irahishurwa imbere yacu, Igaburira Umugeni waYo Manu Yanyegejwe dushobora kurya Yonyene. Ni ubutunzi burenze ku bandi bose, ariko ni Imfungurwa Zanyegejwe z’Umugeni.

Mbega igihe c’Ugukenguruka Umugeni Ariko Aragira, Afungura Ijambo, Ahinduka Umugeni Jambo Atunganye w’Igikorwa c’Akaroruhore.

Ni Wenyene, nk’Umukwe, “Yanswe n’abantu, Asuzuguwe kandi Yanswe n’amashengero.” Umugeni Ahagaze gutyo. Ni igiki? Ni Igikorwa Ciwe c’Akaroruhore, murabona, ni Ijambo Ashobora gukoreramwo, ni Ryo Ashobora kugaragaza. Ukwankwa!

Nimuze mwifatanye natwe ku munsi w’iyinga isaha zitandatu ku mutaga, kw’isaha ya Jeffersonville, (isaha imwe y’ijoro mu Burundi) mu gihe Imana Ivuga biciye ku mumarayika waYo w’inkomezi, Idukeba kandi Ikadutunganya kugira ngo tube Igikorwa c’Akaroruhore c’Imana.

MweneData Joseph Branham

Ubutumwa : 64-0705 Igikorwa c’Akaroruhore

Ivyanditswe vyo gusoma imbere y’igikorane :

Yesaya 53:1-12.
Malaki 3:6.
Uwera Matayo 24:24
Uwera Mariko 9:7
Uwera Yohana 12:24 / 14:19

25-1123 Imana Ihambaye Igaragajwe Imbere Yacu

Ubutumwa: Imana Ihambaye Igaragajwe Imbere Yacu 64-0629.

Ibimenyeshejwe Ibimenyeshejwe ku bijanye n’ugusobanura mu zindi ndimi bikorerwa muri Branham Tabernacle

Mukunzi Branham Tabernacle,

Mbega ibihe vy’ubwiza turiko turagira. Ijambo hamwe n’Umugeni ni Umwe kandi ni co kimwe. Tubayeho inyuma y’igihuzu imbere y’Ubwiza bwa Shekinah. Turabona Imana Yihishije inyuma y’urushato mu ntumwa mumarayika waYo w’indwi. Imana, yongera kwihisha inyuma y’urushato rw’umuntu muri umwe wese muri twebwe. Nta kindi kibazo kiriho. Nta gukekeranya kundi, TURI Umugeni Jambo Atunganye Yahiswemwo, Yatoranijwe Jambo Yigize Umubiri.

Uko dufatanya hamwe tuvuye kw’isi yose, turiko turumviriza Ijwi RyaYo Rivuga kandi Riduhishurira Ijambo RyaYo mu buryo bushitse Uguhishura kwuzuye ko Yesu Kristo uko Yari Ari ejo, n’uyu munsi niko Akiri, niko Azokwama ibihe bidashira. Ukugaragara kw’Ijambo, Elohim, Imana mu mubiri Ivugana n’Umugeni WaYo. Imana mu mubiri kandi Igerera muri umwe wese muri twebwe. Umugambi wa nyuma w’Imana ubu uriko uragaragazwa bimwe bishitse kandi uhishurwa muri umwe wese muri twebwe.

Turanezerewe cane kandi turakengurukira Umwami kwitwa utuzeze n’abataye umutwe bafise ivyiyumviro bisa nk’ibidasanzwe. Ariko turazi Uwo tuboheyeko, n’abo turi bo : Umugeni w’Imana Aboshwe w’Amabande; kandi Iriko Iratwikwegerako, turushiriza kwegerana uko tugenda turushiriza kuba UMWE NA YO, Yesu Kristo uko Yari Ari ejo, n’uyu munsi niko Ari, niko Azokwama ibihe bidashira.

Twaciye mu gihuzu twinjira mu Nkingi y’Umuriro turasohoka dufise imihezagiro y’Imana! Abantu ntibashobora kubibona. Ntibashobora kubitahura. Ariko kuri twebwe, biragaragara, kuko turi mu Mpwemu Imwe n’Umwanditsi wacu hamwe n’Umurongozi wacu. Ni Ijwi ry’Imana Riri kuma bande Rirongora Umugeni WaYo.

Tubeshejweho n’Umutsima w’ibiterekerwa, Manu itangwa gusa ku bw’abantu batandukanye. Ni co Kintu conyene dushobora kurya. Ni co kintu conyene twemerewe kurya. Kandi Ni ivy’abantu gusa bemerewe, batoranijwe kandi bazi ico Uri wo.

Ndakunda gusa kuMwumva Atubwira ABO TURI BO :

Uwo nyene Yamanutse ku munsi wa Pentekote, ni we Mpwemu Yera nyene Yagaragaye iki gihe, kuva mu Bwiza Aja mu Bwiza, gushika mu Bundi. Kandi Agarutse ku Ruvyaro RwaYo rw’inkomoko, n’umubatizo wa Mpwemu Yera; n’ibimenyetso bimwe, ibitangaza bimwe, umubatizo umwe; abantu b’ubwoko bumwe, bakora mu buryo bumwe, n’ubushobozi bumwe, ukwiyumva kumwe. Ni ukuva mu Bwiza baja mu Bundi.

Tugarutse ku Ruvyaro rw’inkomoko n’umubatizo wa Mpwemu Yera. Ibimenyetso bimwe, ibitangaza bimwe, umubatizo umwe, ubwoko bumwe bw’abantu, bakora mu buryo bumwe, n’ubushobozi bumwe, ukwiyumva kumwe.

TURI UMUGENI JAMBO WIWE W’AMABANDE ATUNGANYE, YAGARUKANYWE MU BURYO BWUZUYE !

Turatsinda. Turacariho. Turahagaze. Tubayeho kw’Ijambo RyiWe Ritagira agatotsi Ryabikiwe Umugeni WiWe. Ririko Riradutunganya uko bukeye uko bwije. UKWIZERA kwacu kwashitse ku dusongero dushasha tuzi ABO TURI BO, kandi ni:

Ntibihakanwa, Ntibisubirwamwo kandi ikiruta vyose, NTACO BISABA.

Urashaka kunezerwa gusumba uko wavyigeze?
Urashaka kwumva uhagijwe 1000% ivyo uriko urumva ko ari Uko Niko Uhoraho Agize? Urashaka gutunganywa n’ijambo ry’Imana?

Rero ndabatumiye kuza kwifatanya natwe, Branham Tabernacle, kuri uwu w’iyinga isaha zitandatu ku mutaga kw’isaha ya Jeffersonville (isaha imwe y’ijoro mu Burundi), mu gihe twumviriza Ijwi ry’Imana Ritubwira Amajambo y’Ubugingo Budashira: Imana Ihambaye Igaragajwe Imbere Yacu 64-0629.

MweneData Joseph Branham

25-1116 Kristo Yagaragajwe Mu Bihe Vyose

Ubutumwa: 64-0617 Kristo Yagaragajwe Mu Bihe Vyose

Ibimenyeshejwe Ibimenyeshejwe ku bijanye n’ugusobanura mu zindi ndimi bikorerwa muri Branham Tabernacle

Mukunzi Jambo ry’Imana Rizima,

Iyi myaka yose nabihishije mu mutima wanje, ntwikira Kristo, iyo Nkingi nyene y’Umuriro Isobanura Ijambo, nk’uko vyasezeranywe.

Ndazi ko ibi bigiye kwumvikana nk’ibitari vyo ku bantu benshi, ariko niwihanganira gusa intumwa mumarayika w’Imana mu minota mikeyi, kandi ugasaba Imana ukundi Guhishurirwa, nizera ko We, biciye ku mfashanyo y’Imana n’Ijambo RyaYo, kandi bijanye n’Ijambo RyaYo, azoKuzana ng’aha nyene imbere yanyu. Imana, Yihishura kandi Yigaragaza, Isobanura kandi Ihishura Ijambo RyaYo.

Mbega umuvyuro wabaye muri uku kwezi guheze mu Mugeni wa Yesu Kristo. Imana, Yikurako umwitwikiro nk’uko bitigeze biba mbere, Ivugana n’Umukunzi WaYo, IMugaragariza urukundo, Imuhumuriza, Turi umwe na Yo.

Nta gushidikanya, nta gukekeranya, nta kwizibira, mbere nta n’igitutu c’ugukekeranya; Imana Yaraduhishuriye ko, Ijwi ry’Imana Rivugira ku ma bande ni INZIRA IMANA YATANZE KANDI ITUNGANYE KU MUGENI WAYO UYU MUNSI.

Yatanze iyi nzira ku buryo tutokwigera na rimwe dukenera kuyiyungurura, kuyitomora, kuyisigura, mugihe ihinyanyuwe n’umuntu mu buryo ubwo ari bwo bwose; wumvirize gusa Ijwi ry’Imana Risukuye Ribwira umwe wese muri twebwe umunwa ku gutwi.

Yari Izi ko iki gihe kizoza. Yari Izi ko Umugeni WaYo Ashobora kurya gusa iyo Manu Yanyegejwe, Imfungurwa z’Intama ZaYo. Nta kindi twokwipfuza kwumviriza atari Ijwi ry’Imana Rivuye ku Mana ubwaYo.

Twaratantabuye ico gihuzu tuja mu Bwiza bwa Shekinah. Isi ntishobora kubibona. Umuvugishwa wacu yoshobora kutavuga neza amajambo yiwe. Yoshobora kutambara neza uko bikwiye. Yoshobora kutambara impuzu z’abakuru b’idini. Ariko inyuma y’uwo mubiri w’umuntu, muri wo hari Ubwiza bwa Shekinah. Muri uwo hari ubushobozi. Muri uwo hari Ijambo. Muri uwo harimwo Umutsima w’ibiterekerwa. Muri uwo harimwo Ubwiza bwa Shekinah, ari bwo Muco Weza Umugeni.

Kandi gushika winjiye inyuma y’urwo rushato rw’igikoko bita tahashi, gushika uvuye mu rushato rwawe rwa kera, mu vyiyumviro vyawe vya kera, muri nemera zawe za kera, kandi ukaza mu Nyonga h’Imana; hanyuma Ijambo Rikaba ukuri kuri wewe, hanyuma ukavyuka ukaja mu Bwiza bwa Shekinah, ico gihe Bibiliya Ihinduka Igitabu Gishasha, ico gihe Yesu Kristo Ni Wawundi ejo, uno munsi, n’ibihe bidashira. Ubaye mu Nyonga hiWe, urya umutsima w’ibiterekerwa watanzwe gusa uwo munsi ku bizera, ku baherezi bonyene. “Kandi turi abaherezi, ubuherezi bw’ubwami, ihanga ryera, abantu bihariye, bashikanira Imana ibimazi vy’impwemu.” Ariko utegerezwa kwinjira, inyuma y’igihuzu, kugira ngo ubone Imana Ikuweko umwitwikiro. Kandi igihe Imana Ikuweko umwitwikiro, iryo riba Ijambo RyaYo Rigaragajwe.

Turi utuzeze kw’isi, ariko turanyuzwe no kumenya iyo Buro yacu iyo ari yo kandi turashima kuba turi abataye umutwe b’amabande biWe, bafatanijwe kugira bahuze n’Ijambo RyiWe, mu gihe ivyo bidukwegera kuri We.

Iyo utafatanijwe kugira uhuze n’ama bande, nta na kimwe uba uri atari umugwi w’imburakimazi!!!

Rero, mwitegereze, hariya, Imana! Yesu Yavuze ati, “Abo Ijambo Ryashitseko, biswe ‘imana,’” bari abavugishwa. Rero, uwo muntu ubwiwe ntiyari Imana, nk’uko umubiri wa Yesu Kristo utari Imana. Yari umuntu, Imana na Yo Yari Yitwikiriye muri We.

Imana, umunsi umwe Yitwikiriye inyuma y’inshato z’ibikoko bita tahashi. Imana, umunsi umwe Yitwikiriye mu mubiri w’umuntu witwa Melekisedeki. Imana, Yitwikiriye mu mubiri w’umuntu witwa Yesu. Imana, Yitwikiriye mu mubiri w’umuntu witwa William Marrion Branham. Imana, Yitwikiriye mu mubiri w’umuntu witwa UMUGENI WAYO.

Birahambaye cane kwibuka, ariko benshi cane barananirwa bakarondera ikindi kintu. Ikintu ca nyuma Aburahamu yabonye, ikintu ca nyuma kizoba imbere y’uko umuriro ugwa kandi ugacira urubanza isi y’Abanyamahanga, imbere y’uko umwana w’isezerano aza ku rubuga, ikintu ca nyuma ishengero giKristo rizobona gushika ku kugaragara kwa Yesu Kristo ni Melekisedeki, Imana Yagaragaye mu mubiri, Ihishurira Ijambo RyaYo Umugeni WaYo.

Nta na kimwe kindi kizoza. Nta na kimwe kindi casezeranywe mw’Ijambo RyaYo. Nta muntu, canke umugwi w’abantu bazoza gutunganya Umugeni.

Oya! Bashaka kuza hano mw’ishengero kubw’ugutungana. Murabona? Ko du—dufise ugufatanya hagati yacu ng’aha kw’ishengero, ariko ugutungana kuza hagati yacu n’Imana. Amaraso ya Kristo ni yo Adutunganya muri Mpwemu Yera.

Ubu Butumwa, Iri Jwi, Ijambo ry’Imana Ryemejwe, Ririko Riratunganya Umugeni wa Yesu Kristo.

Ndatumiye umwe wese muri mwebwe kuza kwumviriza hamwe natwe Ijwi ry’Imana mu gihe Ritunganya Umugeni WaYo kuri uwu w’iyinga isaha zitandatu ku mutaga, kw’isaha ya Jeffersonville, (isaha imwe y’ijoro mu Burundi) mu gihe twumviriza: 64-0617 Kristo Yagaragajwe Mu Bihe Vyose.

MweneData Joseph Branham

Ivyanditswe vyo gusoma imbere y’Ubutumwa:

Gusubira mu Vyagezwe 18:15
Zekariya 14:6.
Malaki 3: 1-6.
Uwera Luka 17: 28-30.
Uwera Yohana 1:1/4:1-30/8:57-58/10:32-39.
Abaheburayo 1:1/4:12/13:8.
Ivyahishuriwe Yohana 22:19

25-1109 Akazeze

Ubutumwa: 64-0614e Akazeze

Kuvoma Ubutumwa

Ibimenyeshejwe Ibimenyeshejwe ku bijanye n’ugusobanura mu zindi ndimi bikorerwa muri Branham Tabernacle

Mukunzi Mana Yihishije mu Mubiri,

Ntitukiri inyuma y’igihuzu, Bana bato, Imana Yaratwihishuriye ku mugaragaro. Imana y’inkomezi yo mw’Ijuru n’isi, Yo yamye Yitwikiriye ku bantu nk’Inkingi y’Umuriro Yavuye ku Mana kandi Yabaye mu mubiri wo kw’isi witwa Yesu; hanyuma Yasubiye ku Nkingi y’Umuriro maze Ibonekera Paulo mu nzira ija i Damasiko, ubu Yasubiye kuza ku mugaragaro kandi Yongera kuba mu mubiri w’umuntu mu Ntumwa mumarayika waYo, William Marrion Branham, Ihamagarira Umugeni WaYo gusohoka kubwaYo.

Imana Yashize umumarayika wayo kw’isi kugira ngo aYiserukire nk’umuserukizi waYo Yagenye kuja mu bihambaye vy’insigabwenge bitazwi. Aratahura kandi ashira hanze ivyo ubwenge busanzwe budashobora gutahura. Yatumwe guhishura ibanga ry’Imana no kuvuga imbere y’igihe ibiriho, n’ibintu vyabayeho, n’ibintu bizobaho. Ni Ijwi ry’Imana ku Mugeni.

Ni ibiki? Ni Imana, Imana inyuma y’imibiri, imibiri y’umuntu. Ivyo ni vyo neza na neza.

Abantu banegura benshi muri iki gihe ntibashobora gutahura twebwe abizera b’inkomoko b’ukuri. Kuri bo, twacitse abataye umutwe. Bavuga ngo turi abizera ubumana kandi dusenga umuvugishwa…

Umuntu anegura, iminsi mikeyi iheze, yambwiye, ndi i Tucson. Yavuze ati, “Urazi, abantu bamwe bakugira uwataye umutwe maze abandi na bo bakugira imana.”

Navuze nti, “Yemwe, ikintu nk’ico ni ciza mu buryo bumwe.” Namenye ko yagerageje kunegura. Murabona ? Yavuze ati, “Abantu biyumvira ko uri imana.”

Nk’uko vyari bimeze igihe Yesu Yari ng’aha kw’isi, ni co kimwe n’ubu ku muvugishwa wiWe. Abantu ntibari inyuma y’igihuzu; barahumishijwe kugira ngo ntibabone ukuri. Nta na kimwe dushaka atari inzira Imana Yatanze y’iki gihe: Yo ubwaYo Itwikiriye mu mubiri, Ijwi ry’Imana Ryafashwe amajwi kandi Ryabikiwe Umugeni.

Igihe Imana Yagaragazwa mw’isi, yari Yinyegeje inyuma y’igihuzu; inyuma y’umubiri w’Umuntu Yitwa Yesu. Yari Yitwikiriye kandi Yihisha inyuma y’urubiribiri rw’umuntu yitwa Mose, kandi bari imana ntoya, atari Imana; ariko bari Imana, Imana Imwe, Yahindura gusa igipfukisho caYo, Yakora kimwe igihe cose, kuzana iri Jambo. Imana Yabikoze gutyo.

Twafatanijwe n’Ijambo, Ubutumwa bw’igihe. Ubu rero Ryatugize Ijambo ritwikiriwe inyuma y’umubiri w’umuntu. Umugeni n’Umukwe ni umwe. Imana ni imwe, kandi Ijambo ni Imana! Twarafatanye n’Ijambo.

Ikibabaje, itandukaniro hagati y’abizera muri iki gihe ni uko bumva ko dushira vyinshi cane ku muvugishwa w’Imana yemejwe. Ahubwo, bashaka gushira ubwo burongozi ku bungere babo.

Imana Ntihindura umugambi waYo; Irungika UMUNTU UMWE ngo Arongore Umugeni WaYo. Ni Mpwemu Yera waYo Ari muri umwe wese muri twebwe, Aturongora n’INKINGI Y’UMURIRO.

Ijambo riza kuri umwe. Mu bihe vyose, nico kimwe, no mu bihe vy’ishengero, kuva ku ca mbere gushika ku ca nyuma. Abandi barafise ibibanza vyabo, nivyo, murabe, ariko muhagarare kure y’iyo Nkingi y’Umuriro. Murabona?

ARIKO TWUMVA IKI MURI IKI GIHE…IKINTU KIMWE.

Muribuka ivyo Datani n’abandi bavuze hariya ? Bavuze bati, “Ubu, Mose, rindirira ng’aha akanya gatoya gusa! Wiha ibintu vyinshi cane, murabona. Rero, hariho abandi bagabo ng’aha Imana Yahamagaye.”

Ntiturwanya igikorwa c’Imana; Imana Yarabahamagaye, ariko beneData na bashikanje, nimba umwungere wawe atariko arashira nyene Ijwi ry’Imana nk’Ijwi Rihambaye kuruta ayandi yose utegerezwa kwumviriza mu kuvuza ama bande mw’ishengero ryanyu, ntariko arabarongorera mu nzira Imana Yatanze.

Ivyo ni ukuri. Bo, umwe wese, yarakurikira neza igihe cose bagenda, ariko igihe umwe yagerageje gutera intambwe maze agafata igihagararo Imana Yahaye Mose, yari yaratoranirijwe kandi yaragenewe ico gikorwa, yagerageje kugifata, umuriro waramanutse maze wasamika isi kandi irabamira uwo mwanya nyene. Murabona ? Murabona ? Mwitonde. Murabona ?

Twese dutegerezwa kuboherwa kuri iryo Jambo Ryavuzwe kandi Ryashizwe ku ma bande. Ni ica ntabanduka c’Imana. Iryo ni ryo Jambo Ryonyene Umugeni Yemeranya naRyo. Igikorwa c’umuntu ntikizokwigera gihuza Umugeni, Ijwi ry’Imana Ryonyene riri ku ma bande.

Nta na kimwe nshobora gukora ntari kumwe namwe; nta na kimwe mushobora gukora mutari kumwe nanje; nta woshobora gukora ico ari co cose Mana. Rero, twese hamwe ivyo bizana ubumwe, ukwiyunga. Imana Yandungitse muri iyo ntumbero; muravyizera; kandi ng’ivyo birashitse. Ni ivyo gusa, murabona, vyemejwe mu buryo butunganye.

Ni mu gihe turi hamwe VYONYENE ivyo bizana UBUMWE, ni ukuvuga ukwiyunga. Imana Yarungitse William Marion Branham ku bw’iyo ntumbero. Rero, nimwavyizera VYONYENE, niho bizoshika; vyemejwe mu buryo butunganye.

Si jewe mvuga ivyo beneData na bashikanje. NI IMANA IVUGA IVYO BICIYE KU MUVUGISHWA WAYO. Ntureke ngo umuntu n’umwe akubwire ukundi canke ngo agerageze kubigusigurira ukundi. IJWI RY’IMANA RYONYENE RIRI KU MA BANDE NIRYO RIZOHUZA KANDI RITUNGANYE UMUGENI. NIWAFATA IZINDI NZIRA ZOSE, NTUZOKWIGERA UBA UMUGENI.

Rero nibaza ko benshi muri twebwe abakuze twiyumvira co kimwe. Imana, Yihishije mu mubiri ! Imana, Yihishije mu mubiri ! Ivyo bishobora kugaragara nk’ubusazi mu maso y’isi, ariko biriko Bikwegera abantu bose kuri Yo.

Woba wumvise ivyo ahejeje kuvuga? Imana Yihishije mu mubiri Iriko Ikwegera abantu bose kuri Yo.

Mu gihe isi iriko yizirika ku bidafise agaciro, tubohewe kw’Ijwi ry’Imana kandi twitwa Umugeni. Ririko Ridukura muri uru ruzazane, Ritwinjiza mu Nyonga h’Imana. Turi abadafise agaciro babohewe kw’Ijambo ry’Imana.

Ngwino maze ubohanwe natwe kw’Ijwi ry’Imana kuri uyu w’iyinga isaha zitandatu kw’isaha ya Jeffersonville (isaha imwe mw’ijoro mu Burundi) mu gihe Rikwegera abantu bose kuri Yo.

MweneData Joseph Branham.

Ubutumwa : Akazeze 64-0614E

Ivyanditswe :
1 Ab’i Korinto 1:18-25
2 Ab’i Korinto 12:11

25-1102 Imana Yiyerekanye

Ubutumwa: 64-0614m Imana Yiyerekanye

Kuvoma Ubutumwa

Ibimenyeshejwe Ibimenyeshejwe ku bijanye n’ugusobanura mu zindi ndimi bikorerwa muri Branham Tabernacle

Mukunzi Jambo Ryagaragajwe,

Turashobora kuvyiyumvira! Ya Nkingi y’Umuriro nyene Yaje kuri abo bagabo banditse Bibiliya ni Yo Nkingi y’Umuriro nyene twumviriza iminsi yose, Idusobanurira amabanga yose ya Bibiliya: Ijambo Ry’Imana Ryagaragajwe !

Imana Yari Yitwikiriye mu bavugishwa baYo ba kera kugira ngo Ibabwire Amajambo YaYo. Ivyo ni vyo Yakoze ico gihe. Ariko mu gihe cacu, umuvugishwa wacu, William Marrion Branham yari Ijambo Rizima ku bantu, Ritwikiriwe n’Inkingi y’Umuriro.

Ugusigwa ni umuntu. Ijambo Kristo risobanura “uwasizwe,” murabona, “uwasizwe.” Ico gihe, Mose yari Kristo mu gihe ciwe, yari uwasizwe. Yeremiya yari Kristo mu gihe ciwe, afise igice c’Ijambo ry’ico gihe.

Imana Isobanura Ijambo RyaYo bwite. MweneData Branham yaraYavuze; Imana YaraYasobanuye. Yari afise Ijambo. Si umugwi, William Marrion Branham! Imana Yaronse UMUNTU UMWE. Ntashobora kuronka ubwenge bubiri canke butatu butandukanye bufise ivyiyumviro bitandukanye. Ifata UMUNTU UMWE, kandi acika Ijambo ry’Imana Rizima Ritwikiriwe inyuma y’umubiri w’umuntu.

Ntitukiri inyuma y’uwo mwitwikiro, bana bato. Imana Yarigaragaje neza kuri mwebwe. Umwitwikiro wa kera w’idini n’uw’imigenzo watwikira Ijambo ry’Imana waratantamutse, kugira Rishobore kugaragara! Muri iki gihe ca nyuma, ico gihuzu c’imigenzo caratantabutse, kandi ng’iyi Inkingi y’Umuriro. Ng’Iyi, Igaragaza Ijambo ry’iki gihe. Igihuzu caratantabutse.

Mwitegereze ayo ma bande uko aza, mwitegereze umwe wese, ingene Rirushirizaho kuba Iritomoye; namba ufise amatwi yo kwumva, murabona, amaso yo kubona.

Ivyo ni vyo bigihuma amaso abantu iki gihe. Bashaka kuvuga ko bizera ko umuvugishwa w’Imana yazanye Ijambo ariko ko ubu, ukwo gusigwa kuri ku bandi ngo baturongore, atari umuvugishwa.

Umuvugishwa yatubwiye ko Imana Idashobora kwihenda Ijambo RyaYo. Mu gihe ca nyuma, bitegerezwa kuba co kimwe ubugira kandi. Imana Ntishobora guhindura inzira yaYo, canke guhindura Ijambo RyaYo. Yavuze ko Itahindutse. Yama Irungika abavugishwa baYo atari ukugira ngo bazane Ijambo RyaYo vyonyene, ariko ngo barongore Umugeni WaYo.

Nk’uko vyakozwe mu bihe vyose, Ubumana bwari butwikiriwe mu mubiri w’umuntu. Murabe, ni vyo. Abavugishwa bari Ubumana, butwikiriye. Bari Ijambo ry’Imana (ni vyo?) Ritwikiriwe mu mubiri w’umuntu. Kubw’ivyo, naho nyene ntibamenye Mose wacu, murabona, Yesu.

Ubu, kubwacu si Ijambo Ryanditswe gusa, ni ukuri. Ubu turi muri We. Ubu turiko turahimbarwa. Ubu turaMwihweza. Ubu turaMubona, Ijambo, Arigaragaza.

Rero, ducika igice ciWe. Turi umwitwikiro uMutwikira. Turi igice ciWe; igihe cose Kristo Ari muri mwebwe, nk’uko Kristo Yari Uw’Imana.

Turi mu ngoro ya Kristo inyuma y’umwitwikiro w’urukoba rwacu rw’umuntu. Turi ivyete vyanditswe, Ijambo Ryanditswe. Turi Ijambo Ryanditswe, Ryagaragajwe.

Kandi iyo ubonye Ijambo Rigaragajwe, ubona Imana Data, kuko Jambo Ari Data. Ijambo Ni Imana. Kandi Ijambo, Ryagaragajwe, Ni Imana ubwaYo Ifata Ijambo RyaYo Bwite IkaRigaragaza mu bizera. Nta kintu na kimwe gishobora kuRigira Rizima atari abizera, abizera gusa.

Imana, Itwikiriye mu mubiri w’umuntu, Ivuga kandi Iduhishurira Ijambo RyaYo umunsi ku munsi. Imana mu mubiri w’umuntu Iba muri umwe wese muri twebwe.

MweneData Joseph Branham

Ubutumwa: 64-0614M – “Imana Yiyerekanye”.

Igihe: isaha zitandatu z’umutaga kw’isaha ya Jeffersonville (isaha imwe y’ijoro mu Burundi).

*Mwibuke igihe co mu rushana.

25-1026 Hindukiriza Amaso Kuri Yesu

Ubutumwa: 63-1229E Hindukiriza Amaso Kuri Yesu

Kuvoma Ubutumwa

Ibimenyeshejwe Ibimenyeshejwe ku bijanye n’ugusobanura mu zindi ndimi bikorerwa muri Branham Tabernacle

Bakunzi Abumviriza ama Bande,

Igihe kirageze aho umuntu wese ategerezwa kwibaza ati: “Igihe numviriza ama bande, ni Ijwi irihe numviriza? Mbega ni ijwi rya William Marrion Branham gusa, canke numviriza Ijwi ry’Imana ry’iki gihe cacu? Mbega ni ijambo ry’umuntu, canke ndiko numviriza Uko Niko Uhoraho Agize? Mbega nkeneye umuntu wo gusobanura ivyo ndiko ndumva, canke Ijambo Ry’Imana ntiRikeneye insobanuro?”

Inyishu yacu ni iyi: Turiko twumviriza Ijambo Ryavuzwe Ryihaye umubiri. Twumviriza Alufa na Omega. TuraMwumviriza, Inkingi y’Umuriro, Avuga biciye mu minwa y’abantu nk’uko Yavuze ko Yobikoze mu gihe cacu.

Ntitwumviriza umuntu, twumviriza Imana, wawundi ejo, uno munsi, n’ibihe bidashira. Ijwi ry’Imana Rizima, Rifise ubukuba Rifise ubugi buruta ubw’inkota zose Rikinjira n’aho Ritanya ubugingo n’impwemu Rigatanya ingingo n’umusokoro, Risuzuma ivyo umutima wiyumvira ukagabira.

Twarahishuriwe ko ico Yari igihe Yagendagenda i Galilaya Ari co nyene Ari muri iri joro i Jeffersonville; ni naco Ari muri Branham Tabernacle. Ni Ijambo ry’Imana Ririko Riragaragazwa. Ico Yari ico gihe, ni co Ari muri iri joro, kandi nico Azoba ibihe bidashira. Ivyo Yavuze ko Yokoze, Yarabikoze.

Uwo mugabo si Imana, ariko Imana Iracariho kandi Ivugana n’Umugeni WaYo biciye kuri uwo mugabo. Ntidushobora gusenga uwo muntu, ahubwo dusenga Imana Iri muri uwo muntu; kuko niwe muntu Imana Yahisemwo ngo abe IJWI RYAYO kandi arongore Umugeni WaYo muri iyi minsi y’iherezo.

Kubera ko Yaduhaye uku Guhishurirwa guhambaye kw’iki gihe c’iherezo, ubu turashobora kumenya ABO TURI BO, Ijambo Ryihaye umubiri mu gihe cacu. Satani ntashobora kuduhenda, kuko turazi ko turi Umugeni Jambo WiWe w’inkumi Yashumbushijwe.

Iryo Jwi Ryatubwiye Riti: Ivyo dukeneye vyose TWARAMAZE kubihabwa. Ntitubirindira. Vyaravuzwe, NI IVYACU, TURAVYEGUKIRA. Satani nta bubasha afise kuri twebwe; yaratsinzwe.

Ata nkeka, Satani ashobora kuduteza indwara, akabonge, n’imibabaro yo mu mutima, ariko Data Yaramaze kuduha ubushobozi bwo kumuta HANZE…TUVUGA IJAMBO GUSA, na we ategerezwa kugenda….s’ukubera tuvuga gutyo, ariko kubera IMANA YABIVUZE GUTYO.

Iyo Mana nyene Yaremye inkezi, igihe ata nkezi zariho. Ivyo vyahaye mushiki wacu Hattie icipfuzo c’umutima wiwe: abahungu biwe babiri. Ivyo vyakijije Mushikiwacu Branham ikivyimba imbere y’uko ukuboko kw’umuganga kumukorako. Ni IYO MANA NYENE Itari kumwe gusa natwe, ARIKO IRIHO KANDI IGERERA MURI TWEBWE. TWEBWE TURI IJAMBO RYAGIZWE UMUBIRI.

Iyo turavye kandi twumvirije Ijwi riri ku ma bande, turabona kandi twumva Imana Yihishura mu mubiri w’umuntu. Turabona kandi twumva uwo Imana Yatumye ngo aturongore tuje mu Gihugu c’Isezerano. Twemera ko Umugeni wenyene Azogira uko Guhishurirwa, nuko ducika abatagira ubwoba. Ntibikenewe kugira uruhagarara, guhagarika umutima, kubabara, gucika intege, kwibaza canke kwiganyira…TURI UMUGENI.

Umviriza maze ubeho mweneData, ubeho!
Umviriza Yesu ubu nyene maze ubeho;
Kuko Vyafashwe amajwi ku ma bande, haleluya!
Ni ivyo vyonyene twumviriza maze tukabaho.

Yoo Mugeni wa Yesu Kristo, mbega igihe c’ubwiza tubayemwo. Ivyo turindiriye, umunota ku munota. Umwanya n’umwanya tuzobona abakundwa bacu, hanyuma, mu kanya nk’ako gukubita urugohe, tuzoba tuvuye hano kandi tuzoba turi kumwe na bo hakurya. Ni hafi cane bisa nk’aho dushobora kuvyumva…IMANA ISHIMWE !!

Ngwino Mugeni, reka twongere gufataniriza kw’Ijwi ry’Imana kuri uyu w’iyinga isaha zitandatu ku mutaga, kw’isaha ya Jeffersonville (isaha icumi na zibiri ku mugoroba mu Burundi), mu gihe twumviriza Atubwira Ijambo ry’Ubugingo Budashira.

MweneData Joseph Branham

Ubutumwa: 63-1229E Hindukiriza Amaso Kuri Yesu

Ivyanditswe:
Guharura 21:5-19
Yesaya 45:22.
Zekariya 12:10 .
Uwera Yohana 14:12

25-1019 Hariho Umuntu Ng Aha Ashobora Kwatsa Itara

Ubutumwa: 63-1229M Hariho Umuntu Ng Aha Ashobora Kwatsa Itara

Kuvoma Ubutumwa

Ibimenyeshejwe Ibimenyeshejwe ku bijanye n’ugusobanura mu zindi ndimi bikorerwa muri Branham Tabernacle

Mukunzi Mugeni wa Kristo, reka dukoranire hamwe ku w’iyinga kw’isaha zitandatu z’umuhingamo kw’isaha ya Jeffersonville (isaha icumi na zibiri ku mugoroba mu Burundi), kugira twumvirize 63-1229M Hariho Umuntu Ng’Aha Ashobora Kwatsa Itara.

MweneData Joseph Branham

25-1012 Uguhererwa

Ubutumwa: 63-0901E Uguhererwa

Kuvoma Ubutumwa

Ibimenyeshejwe Ibimenyeshejwe ku bijanye n’ugusobanura mu zindi ndimi bikorerwa muri Branham Tabernacle

Mukunzi Mugeni w’Amabande,

Rero mwebwe abantu bo mu ma bande.

Mwami, twotangura gute guserura ico ayo majambo matomato atanu asigura kuri twebwe Umugeni wa Yesu Kristo? Ni Uguhishura kw’Ubutumwa bw’igihe kuri twebwe. Ni Imana Ivuga biciye ku ntumwa mumarayika waYo Ibwira Umugeni WaYo Iti: “Ndazi ko uzogumana n’Ijwi RyaNje. Ndazi ico Ijambo RyaNje Riri kuri aya ma bande Rizosigura kuri wewe. Ndazi ko uzogira Uguhishurirwa ko ubu Butumwa Navuze kuri aya ma bande ari Ikimenyetso CaNje c’iki gihe.”

“Nashize Ijwi RyaNje kuri izi bande ; kuko ubu Butumwa butegerezwa kuba incamake y’Ijambo ryose. Hazoba ibihumbi n’ibihumbagiza bizokwumviriza Ijwi RyaNje kuma bande kandi bazogira Uguhishurirwa ko ari igikorwa caNje. Ni Mpwemu Yera w’iki gihe. Ni Ubutumwa bw’Ikimenyetso CaNje.”

“Narungitse abakozi b’Imana benshi b’abizigirwa kw’isi yose kugira ngo bamenyeshe igikorwa caNje. Igihe bagaruka, baMbwiye bati: ‘Twumviye amabwirizwa yawe mu kuvuza ama bande yaWe. Twabonye abantu bizera Ijambo Ryose. Bagize inzu yabo ishengero kugira ngo bakire Ubutumwa BwaWe. Twarababwiye, ko abo bose boje munsi y’Ikimenyetso CaWe, Ubutumwa bw’igihe, bokijijwe.’”

Ni igihe c’aho umuntu wese ategerezwa kwisuzuma no kwibaza ati, inzira y’Imana itunganye y’iki gihe ni iyihe? Ijambo ry’umuvugishwa Ryarashitse. Vyaremejwe ko ari ukuri KWONYENE, ikintu CONYENE kizohuza Umugeni WaYo.

Ivyo yavuze vyose vyashitse neza na neza nk’uko yabivuze. Inkingi y’Umuriro Iracari ng’aha hamwe natwe. Ijwi ry’Imana Riracavugana natwe ku ma bande. Umuvugishwa yatubwiye neza ko Imana Izorengana gusa aho Izobona Ikimenyetso. Ni igihe co guhererwa kuri bose kugira ngo bashike munsi y’ubwo Butumwa Kimenyetso.

Twarabonye Ukuboko kw’Imana gukomeye muri iki gihe c’iherezo. Yaduhaye Uguhishura kw’ukuri kw’Ijambo RyaYo kandi Kwaje munsi y’ikimenyamenya c’Ikimenyetso. Rero, mu gihe turi munsi y’ikimenyamenya c’Ikimenyetso, reka dukoranire hamwe maze dufate Isangira Ryera mu guhererwa; kuko tuzi ko urubanza rw’Imana ruri hafi.

Nipfuza gutumira umwe wese muri mwebwe ngo yumvirize kandi aze agire Isangira Ryera hamwe n’igikorwa co kwozanya Ibirenge kuri uyu w’iyinga, mu gihe tuzokwumviriza Ubutumwa: Uguhererwa 63-0901E.

Ubutumwa hamwe n’Isangira Ryera bizoba biri kuri Radiyo y’Ijwi guhera isaha icumi n’imwe yo ku muhingamo kw’isaha ya Jeffersonville. Ndasavye mugire umwidegemvyo wo kugira igikorane canyu isaha icumi n’imwe yo ku muhingamo kw’isaha y’aho muba namba mubishaka, mu gihe nzi ko benshi mu bizera bacu bo mu mahanga gutangura igikorane canyu kw’isaha y’i Jeffersonville bizogorana. Hazoba hariho umuhora wo kuvomamwo ico gikorane.

MweneData Joseph Branham.

Ivyanditswe vyo gusoma imbere y’igikorane:

Kuvayo 12:11
Yeremiya 29:10-14
Uwera Luka 16:16
Uwera Yohana 14:23
Ab’i Galatiya 5:6.
Uwera Yakobo 5:16

25-1005 Ikimenyetso

Ubutumwa: 63-0901m Ikimenyetso

Kuvoma Ubutumwa

Ibimenyeshejwe Ibimenyeshejwe ku bijanye n’ugusobanura mu zindi ndimi bikorerwa muri Branham Tabernacle

Mukunzi Mugenzi w’Ikimenyetso,

Iyo duhuriye hamwe, ntituvuga gusa ivy’Ubutumwa, duhurira hamwe kugira ngo dushireko Amaraso, dushireko Ikimenyetso; kandi Ikimenyetso ni Ubutumwa bw’igihe! Ubwo ni bwo Butumwa bw’uyu munsi! Ubwo ni bwo Butumwa bw’iki gihe.

Twarishizeko ico Kimenyetso, ku ngo zacu no ku miryango yacu. Ntiduterwa isoni. Ntitwitaho uwubizi. Turashaka ko umuntu wese abimenya, uwurengana wese kugira ngo abone kandi akamenya ko : Turi Abantu b’Amabande. Turi Inzu y’Amabande. Turi Umugeni w’Amabande w’Imana.

Mpwemu Yera = Ikimenyetso = Ubutumwa. Bose ni kimwe. Ntimushobora kubitandukanya. Data, Umwana, Mpwemu Yera = Umwami Yesu Kristo. Ntimushobora kubitandukanya.

Ubutumwa = Intumwa. Uko abanegura bovuga kwose, UMUVUGISHWA YAVUZE, ko udashobora kubatandukanya.

Imana ni umunezero wawe. Imana ni inkomezi zawe. Kumenya ubu Butumwa, kumenya ko Ari Ukuri kwonyene, kumenya ko Ari Ikimenyetso, ni co kiduhagije. Bamwe bashobora kuvuga bati, “NdaBwizera. NdaBwizera. Nizera ko ari Ukuri. NdaBwakira nk’Ukuri.” Ivyo vyose ni vyiza, ariko yamara Butegerezwa gushirwa mu ngiro.

Umuvugishwa yavuze ko ubu Butumwa ari Ikimenyetso c’iki gihe. Ubu Butumwa ni Mpwemu Yera. Namba ufise Uguhishurirwa ukwo ari kwo kwose kw’ubu Butumwa urashobora kubona neza igihe tubayemwo. Benshi cane bavuga bati: “NdaBwizera. Imana Yarungitse umuvugishwa. Ni Ubutumwa bw’igihe,” ariko bakirata mu kuvuga ko batavuza, kandi ko batazovuza, Ijwi nyene ry’Ikimenyetso mu mashengero yabo.

Imana ntiyavuze biciye ku mumarayika waYo w’inkomezi ngo Ivuge ikintu gusa kiretse gifise insiguro. Yatubwiye ko atwigisha akoresheje ibigereranyo n’ibitutu. Muri ubu Butumwa, umuvugishwa yinjira mw’ido n’ido kugira ngo atubwire ivyo Rahabu n’umuryango wiwe bakoze kugira ngo BAROKOKE, babe Umugeni. Yaratomoye neza ivyo yakoze.

Igihe abahungu b’amabande bavuza “BANDE”…Rindira gato, iyo ntumwa yakoze iki? Yavugije Bande. None yakoze iki? Yahinduye inzu yiwe ISHENGERO ry’AMABANDE. Ntiyagira isoni zo kuvuga ati: «Raba uwo mugozi utukura, ivyo bisigura ko ndi ISHENGERO RY’AMABANDE».

Wibaza ko iyo avuga ati: “Ego, nizera intumwa n’Ubutumwa, ariko ntitukivuza ama Bande mw’ishengero ryacu. Mfise umwungere avuga ngo OYA, ni uwo kuvuga ubutumwa gusa no gusubiramwo ivyo ama bande avuga.” None mwibaza ko yari kurokoka… ???

Yarashizeko ikimenyetso, kandi inzu yiwe yarakijijwe, atari uko yari guhonera hariya aho yari ari.

Mwarumvise ko abakozi b’Imana benshi biregura ku bijanye no kuvuza ama bande, ariko benshi muri bo bose bavuga bati: “Umuvugishwa ntiyigeze avuga ngo muvuze ama bande mw’ishengero.”

Uwo muvugishwa yavuze ko Rahabu yahinduye inzu yiwe ishengero, kandi ishengero ryiwe ryaravuza ama Bande. Kandi kuko yavuza Amabande mw’ishengero ryiwe, we, n’Ishengero ryiwe ryose ry’Amabande, bari munsi y’Ikimenyetso kandi bararokotse. Irindi shengero ryose ryarahonye.

BeneData na bashikanje, ndabasavye, simvuze ko umwungere adashobora kuvuga ubu Butumwa, canke ko ari bibi iyo abikoze. Mu buryo bwanje, ndiko ndavuga ubutumwa ubu biciye muri iri kete, ariko ugurura umutima wawe kandi wumvirize ivyo umuvugishwa ariko aravuga n’ivyo avuga akugabisha. Nimba uri umwungere atavuza, canke atazovuza ama bande mw’ishengero ryawe mu gutanga ubwoko bunaka bw’urwitwazo; uko vyoba biri kwose, bivanye n’Ijambo, naho yovuga gute ko yizera Ubutumwa bw’igihe, bivanye n’ivyo nizera Ijambo Rivuga, Ikimenyetso, Ubutumwa bw’iki gihe, Ntikiriko kirashirwako.

Kuri uyu w’iyinga, ndabatumiye kuza kwumviriza hamwe na Branham Tabernacle isaha zitandatu ku mutaga, kw’isaha ya Jeffersonville (isaha icumi na zibiri ku mugoroba mu Burundi), Ubutumwa: Ikimenyetso 63-0901M. Nimba udashobora kwifatanya natwe, uravuza Ubutumwa ubwo ari bwo bwose bw’Ikimenyetso, maze Ugishireko.

MweneData Joseph Branham.

Ivyanditswe vyo gusoma imbere yo kwumviriza Ubutumwa:

Itanguriro 4:10
Kuvayo igice ca 12
Yosuwa igice ca 12
Ivyakozwe n’Intumwa 16 :31 / 19 :1-7.
Abaroma 8:1.
1 Ab’i Korinto 12:13
Abanyefeso 2:12 / 4:30
Abaheburayo 6:4/9:11-14/10:26-29/11:37/12:24/13:8, 10-20.
Uwera Yohana 14:12

25-0928 Igihe c’Ukwegerana.n’Ikimenyetso Caco

Ubutumwa: 63-0818 Igihe c’Ukwegerana.n’Ikimenyetso Caco

Kuvoma Ubutumwa

Ibimenyeshejwe Ibimenyeshejwe ku bijanye n’ugusobanura mu zindi ndimi bikorerwa muri Branham Tabernacle

Mukunzi Mugeni Wegeranye,

Ndanezerewe, n’ivyo twiteze bihambaye, vyo kuba muvyo Imana Iriko Irakora vyose mu gihe cacu. Ivyiyumviro vy’Imana uhereye kw’itanguriro biriko birashitswa imbere y’amaso yacu, kandi turi igice cavyo.

Muri Bibiliya yose, abavugishwa barahanuye kandi bavuze ivyari bigiye gushika. Rimwe na rimwe ubwo buvugishwa ntibwashitse imyaka amajana mu nyuma, ariko igihe ukunengesera kw’igihe kwashika, vyarashitse ; kuko iciyumviro c’Imana kivuzwe biciye mu muvugishwa waYo GITEGEREZWA gushika.

Umuvugishwa Yesaya yavuze ati, « Inkumi izosama inda. » Umuryango wose w’Abaheburayo waronse umukobwa wabo mutoya wari witeguriye kuronka uyo mwana. Bamuguriye ibirato bisanzwe, n’ibirato birebire, hamwe n’agapupe gatoya, hanyuma bitegurira ukuza kw’uyo mwana. Ibihe n’ibihe vyararenganye ariko mu nyuma Ijambo ry’Imana Ryarashitse.

Nama nibaza nk’umwana w’umuhungu akiri muto ariko aregera mu bigero, Mwami, ndabona mw’Ijambo RyaWe yuko Wamye Ushira hamwe ihanga ryaWe mu gushitsa Ijambo RyaWe. Washize hamwe abana baWe b’Abaheburayo kubw’umuntu, Mose, Wabarongoresheje Inkingi y’Umuriro bagana mu Gihugu c’Isezerano.

Igihe Wahinduka umubiri hanyuma Uba hano kw’isi, Washize hamwe abigishwa baWe. Wabatandukanije n’ikintu cose hamwe n’umuntu wese kugira Ubahishurire Ijambo RyaWe. Ku munsi wa Pentekote, Wakoranirije hamwe ubugira kandi Ishengero RyaWe mu kibanza kimwe, bahuje umutima n’inama imbere y’uko Uza hanyuma Ubahe Mpwemu Yera.

Nariyumviriye, gute ivyo vyoshoboka uyu munsi Mwami ? Umugeni WaWe Akwiragiye kw’isi yose. Mbega Umugeni bose bazoza i Jeffersonville ? Simbona ukuntu ivyo vyoshika Mwami. Ariko Mwami, ntiwigeze Uhindura integuro yaWe. Ni Ibwirizwa RyaWe, nta buryo na bumwe bwo kubihagarika. Uzobikora gute ?

IMANA ISHIMWE…UYU MUNSI, turashobora kubibona n’amaso yacu bwite, kandi ikirushirije, TURI IGICE CAVYO : Ijambo Rihoraho ry’Imana Rishikijwe. Ntituri mu kibanza kimwe IMBONA NKUBONE, dukwiragiye kw’isi yose, ariko Mpwemu Yera YASHIZE HAMWE UMUGENI WIWE KUBW’IJWI RY’IMANA IJAMBO RYIWE RYAVUZWE KANDI RISHIRWA KU MA BANDE, Ikintu Ntabanduka c’Imana uyu munsi, ni ugukoraniza hamwe no GUSHIRA HAMWE UMUGENI WAYO… KANDI NTA NA KIMWE GISHOBORA KUBIHAGARIKA.

Imana Iriko Ikoraniriza hamwe Umugeni WaYo. Ariko Ariyunga uhereye mu Buseruko hamwe no mu Burengero, mu Buraruko no mu Bumanuko. Hariho igihe co kwegerana, kandi nico kiriko kirashika ubu. Ariko Yiyunga kubw’iki ? Izamurwa. Amen !

Igihe co kwegerana kiriko kiriko kirashika UBUNYENE !!! N’igiki kiriko kiradushira hamwe ? Mpwemu Yera kubw’Ijambo RyiWe, Ijwi RyiWe. Turiko twishira hamwe kubw’iki ? IZAMURWA !!! Twese turagiye kandi NTA N’UMWE tuzosiga inyuma.

Imana Iriko IraMutegura. Ego mugenzi, gushira hamwe ! Ariko Yishira hamwe n’iki ? N’Ijambo !

Ijambo ry’igihe cacu ni iRihe? UBU BUTUMWA, IJWI RYAYO, Ijwi ry’Imana ku Mugeni WaYo. Si umuntu. Si abantu. Si umurwi. IJWI ry’Imana ku ma bande, Ryemejwe n’Inkingi y’Umuriro.

« Isi n’ijuru bizovaho, ariko Ijambo RyaNje Ntirizovaho. » Ariko Ariyunga na UKO NIKO UHORAHO AGIZE hatitaweho ivyo idini iryo ari ryo ryose canke umuntu uwo ari we wese yovuga.

Hatisunzwe ivyo ari vyo vyose UMUNTU yovuga, turiko dukoranirizwa hamwe n’Ijwi rya UKO NIKO UHORAHO AGIZE Ryemejwe maze Riragaragazwa kubw’igihe cacu. Si kubw’insobanuro z’umuntu munaka ; kuki twokora ivyo ? Ivyo birahinduka ku muntu uwo ari we wese, ariko Ijwi ry’Imana ku ma bande NTIRYIGERA RIHINDUKA kandi Ryatangajwe n’Inkingi y’Umuriro ubwaYo kuba Ijambo ry’Imana hamwe n’Ijwi ry’Imana.

Ikibazo cavyo, umuntu, ntazi umurongozi wiwe. Ego, mugenzi. Bazokwiruka inyuma y’idini, bazokwiruka inyuma ya musenyeri canke umuntu, ariko ntibazokwiruka inyuma y’Umurongozi, Mpwemu Yera mw’Ijambo. Murabona ? Bavuga bati, « Yoo, rero, ndakekeranya guhinduka uwashize icizere mu muntu ; ndakekeranya ko nzonyerera. » Yoooo, ni ivyo !

Aho ni ho ibihari vyatanguriye mu makoraniro yabo maze bavuga bati, « Murabona, bariko bashira hejuru umuntu, MweneData Branham. Bamufata nk’Imana kandi bariko bamwiruka inyuma, umuntu, si Mpwemu Yera. »

Ubujuju, turiko DUKORANIRA kw’IJWI RY’IMANA RYAVUZWE RIRAGARAGAZWA BICIYE MURI UYO MUNTU. Nimwibuke, uwo ni we muntu Imana Yahisemwo kugira abe Ijwi RyaYo kugira ngo ahamagare hanyuma arongore Umugeni WaYo muri iki gihe. Iryo ni Ryo Jwi RYONYENE Ryagaragajwe n’Imana ubwaYo.

Ariko ku rundi ruhande, BAriko bakoranira hamwe kubw’ABANTU. NTIbazovuza Ijwi ry’Imana ku ma bande mu mashengero yabo. Murashobora kwiyumvira ivyo ??? Umukozi w’Imana avuga ko yizera ubu Butumwa ko Ari Ubutumwa bw’igihe, Uko Niko Uhoraho Agize, ariko ugasanga ariko azana ivyitwazo vyo KUTAvuza iryo Jwi mu mashengero yabo, ariko umuvugabutumwa ku bantu BATEGEREZWA kumwumviriza hanyuma abandi bavugabutumwa bigisha Ijambo… nuko bavuga ko turiko turakurikira umuntu !!!

Twarumvise kuw’iyinga uheze ico Imana Yakoreye abo bantu !!

Turiteguriye Ubukwe. Turiko turahinduka Umwe na We. Ijambo Rihinduka mwebwe, kandi muhinduka Ijambo. Yesu Yavuze ati, « Uwo munsi muzobimenya. Ico Data Ari cose, nico Ndi ; kandi ico Ndi cose, nico muri ; kandi ico muri cose, nico Ndi. Uwo munsi muzomenya ko Ndi muri Data, namwe muri muri Jewe, naNje Ndi muri mwebwe. »

Urakoze Mwami kubw’Uguhishura kwaWe ubwaWe n’ukwacu, muri iki gihe cacu. Mu gutegura umugeni WaWe kubw’Ijambo Ryavuzwe.Turazi ko turi mu bugombe bwaWe butunganye kubwo kugumana n’Ijwi RyaWe Ryafashwe amajwi.

Ndatumiye isi kwumviriza Ijwi ry’Imana Ryonyene Ryemejwe mu gihe cacu kuri uyu w’iyinga. Muratumiwe kuza kwifatanya natwe kuw’iyinga isaha zitandatu ku muhingamo kw’isaha ya Jeffersonville (isaha icumi na zibiri ku mugoroba mu Burundi), mugihe twumviriza : 63-0818, Igihe C’Ukwegerana N’Ikimenyetso Caco. Namba mudashobora kwiyunga ku muhora wa terefone maze mwumviririze hamwe natwe, tora bande, BANDE IYO ARI YO YOSE ; zose ni Uko Niko Uhoraho Agize, maze mwumvirize Ijambo ry’Imana Ribatunganya hanyuma Ribategurire ukuza kwiWe kuri hafi.

MweneData Joseph Branham.

Zaburi 86 :1-11
Uwera Matayo 16 :1-3

Ariko Yishira hamwe. Ariteguye. Kuki ? Ni Umugeni. Ukwo ni ukuri. Kandi Ariko Yishira hamwe n’Umukwe WiWe, murabona, kandi Umukwe ni Ijambo. « Ubwa mbere na mbere Jambo Yariho kandi Jambo Yahoranye n’Imana kandi uwo Jambo Yari Imana. Kandi Jambo Yambaye umubiri Abana natwe. »