All posts by admin5

23-0528 Laj Legliz Sad La

Mesagj: 60-1209 Laj Legliz Sad La

Son odio-chaje ak distans

Ankenn responsablite pou Tradiksyon ki fèt nan Branham Tabernacle

Bakunzi mubereye, Bagororotsi,

Nkukuma, mwoba mwiteguriye gukoranira hamwe uwu w’iyinga kugira mwumvirize Ijwi ryiza rya Yesu Rivugana namwe maze Rikavuga riti, « Murabereye. » « Muri abanJe. » « Muri Abagororotsi. » « Muzogendana nanje mwambaye imyambaro Yera. » « Amazina yanyu yanditswe mw’Ijuru. »

Aya si amajambo yanje, ariko ni amajambo ya Data ari mw’Ijuru Avugana NAMWE, Umugeni wiWe yatoranijwe. Mpwemu Yera yaragarutse kandi Yihaye umubiri, kugira ngo ashobore kuvugana umunwa ku gutwi n’Umupfasoni wiWe yatoranirijwe aya majambo y’Igitangaza.

Ni Igitangaza kubumviriza, navuga ivyanJe canke uwo ari we wese yovuga ati, “ Yesu Yaravuze”, Ariko kuMwumviriza avuga biciye mw’Ijwi ryiWe ryatoranijwe, uwigeze kubabwira, Kubwanje… Nta kintu gihambaye gihari.

Hariho Amajwi menshi Imana ikoresha kugira Izane Ijambo ryayo kw’isi. Yarabahisemwo hanyuma Ibashiraho kugira babe umuhezagiro kw’isi n’Umugeni wiWe.

Igihe Yesu yari hano kw’isi mu mubiri w’umuntu, yari yarahisemwo abagabo, Intumwa ziwe, kugira ziMukurikire hanyuma zivuge kubiMwerekeye, ivyo zabonye bitangaje n’ivyo zumvise. Aba abagabo nibo yarungitse gukwiragiza Ubutumwa Bwiza, inkuru nziza yuko Mesiya yari yaje, yari hariya, kw’isi hamwe nabo, yarungitse babiri babiri gutangaza iyi nkuru nziza ihambaye hamwe no kuzana abantu bose kuri We.

Mu gihe yari yabakoranirije hamwe ijoro rimwe, Yarababajije ati, “ Muvuga ko ndi Nde?” Bishuye bati, “ Bamwe bavuga ko uri Eliya, abandi bavuga ko uri Yohana Umubatizi.” Ariko yavuze ati, “ Mweho MUVUGA ko ndi Nde?” Hanyuma Petero yavuze ayo majambo ahambaye ati, “ Uri Kristo, Umwana w’Imana Nzima.” Yesu yaramwishuye maze avuga ati, “ Si umubiri n’amaraso vyaguhishuriye ibi, Petero, ariko Data wo mw’Ijuru niWe yabiguhishuriye , kandi kuri uru rutare (Uguhishurirwa) nzorwubakako Ishengero ryanje.”

Isi yaratsitaye kuri iri banga rihambaye. Bamwe bizera yuko yashatse kuvuga Petero. Bamwe bizera yuko rwari urutare rwari rurambaraye hariya. Abandi bizera yuko yari Yesu. Ariko kubwo Uguhishurirwa, twahawe kubwa Mpwemu Yera, turazi ko kwari UGUHISHURIRWA KW’UWO YARI.

Inyuma y’urupfu rwa Yesu, uguhambwa n’ukuzuka, ku munsi wa Pentekoti, baratumwe kubwira Isi iyi nkuru ihambaye. Petero yaracaguwe ubugira kandi kugira ngo abe umuvugizi hanyuma agendere Imbere y’abantu maze atangaze ukuntu boronka Mpwemu Yera. Yavuze ko bategerezwa kwihana maze bakabatizwa mw’Izina ry’Umwami Yesu Kristo.

Mbega ikibanza Mpwemu Yera yashizemwo Petero . Twoshobora kwiyumvira ukuntu abantu bamwitegereza. Yagendanye na Yesu igihe Yari hano kw’isi yambaye umubiri. Yari umugenzi wiWe. Yama iruhande yiWe buri munsi. Uwo yari yarahisemwo kuzoha Uguhishurirwa. Ariko Imana Yari yaratoranije UWUNDI MUNTU umuhanuzi wayo : Paulo.

Igihe Petero yaza I Antiyokiya kubonana na Paulo, yariko aranywa yongera afungurira hamwe n’abanyamahanga. Ariko igihe umugwi w’abantu waza hariya uvuye kwa Yakobo, yariyonjoroye hanyuma aratinya. Paulo yamugishije impari ku mugaragaro imbere y’abandi hanyuma yavuze ko atagendeye mu kuri kandi yategerezwa kwidogerwa. MweneData Branham avuga ko Petero yatwawe n’ubuhumvyi bw’abayuda.

Mbega ibi bitubwira iki uyu munsi ? Ntaco bitwaye uwo woba uri wese. Ukwo boba bafise Mpwemu Yera Kwose. Ububasha boba bafise canke umuhamagaro boba bafise. MUTEGEREZWA KUGUMANA N’UMUHANUZI W’IMANA YATORANIJWE KUBWO ICEMEZO CANYU NTANYIGANYIZWA. KUKO WE, KANDI WE GUSA NI UMUSOBANUZI AVA KU MANA W’IJAMBO RY’IMANA.

Ibi ntibirwanya Petero canke abigishwa abari bo bose batoranijwe b’Imana, ico gihe canke ubu. Batoranirijwe gukwiragiza Ubutumwa bwiza, ariko Imana yari yaratoranije UMUNTU UMWE kw’ishengero ryayo. We wenyene yari Umuhanuzi w’Imana yatoranijwe afise Niko Uhoraho Agize, Nti bari bo. Bari bafise ikibanza cabo, ariko Yarafise UMUHANUZI UMWE ashobora gushira Ishengero ryiwe ku rutonde, afise Ijambo rya nyuma ku Mugeni wiWe.

Ibi bitwereka ukuntu dutegerezwa kumera magabo mu kwumviriza Ijwi ry’Imana ryagaragajwe kubwo igihe cacu. UWO yatoranirije kuba Umusobanuzi w’Ijambo ryaYo ava ku Mana . Nta kintu GIHAMBAYE nko kwumviriza Ijwi ryiWe Rivuga riciye mu Mumalayika wiwe; Ijwi ry’uwo yatoranije, Atari Ijwi ryacu.

Turabona biciye mu bihe vyose ukuntu Imana yaba ifise umugwi watoranijwe w’abantu bashobora KUGUMANA N’IJAMBO RYAYO hamwe n’intumwa yiWe yatoranijwe. Iryo Jwi Ririko Riratubwira buri munsi abo turi, UMWE MURI BO.

Yari gushobora kurungika abahindura ibintu kw’Ishengero ryiWe, ariko UYU MUNSI, Yarungitse uwushumbusha wiwe , “ Nzoshumbusha Niko Uhoraho Agize, kandi nzogarukana imitima y’Abana , kuko mfise vyinshi vyo kubabwira muri iyi minsi y’Ijwi ryanJe.”

Muratumiwe kuza kwumvirizanya hamwe natwe Rirya Jwi, Uw’iyinga Isaha zitandatu z’umuhingamo, isaha ya Jeffersonville (akaba ari isaha cumi na zibiri z’umugoroba mu Burundi), mu gihe Izoba Iriko Ivugana natwe kandi itwereka Ishengero ry’ikinyoma n’iry’ukuri mu kiringo c’ “ Igihe c’Ishengero ry’Isarudi 60-1209.

MweneData Joseph Branham

23-0521 Igihe C Ishengero Ry I Tuwatira

Ubutumwa: 60-1208 Igihe C Ishengero Ry I Tuwatira

Kuvoma Ubutumwa

Ibimenyeshejwe Ibimenyeshejwe ku bijanye n’ugusobanura mu zindi ndimi bikorerwa muri Branham Tabernacle

Bakunzi Nyenyeri zo mu gitsibo ciWe

Himbarwa Mugeni. Turiko turaba Umwe naWe. Buri munsi, Iriko Iraduha Uguhishurirwa kwiwe ubwiWe hamwe natwe. Turiko turagirwa bazima n’inkomezi zitanga ubuzima ziri kandi zigerereye muri twebwe.

Ntidushobora no gutangura gusigura uko twiyumva. Twamizwe na Mpwemu wiWe. Ni ico ciyumviro cacu cose. Nta kindi kintu ngirakamaro kuri twebwe. Tubona Ijambo ryiWe rihinduka Ijambo muri twebwe. Rigaburira Ubugingo bwacu. Tubaho buri munsi kugira tuYisenge, tuYitazire, kandi tuYishime kuko dushobora kwumva Ijwi ryaYo Rivugana natwe.

Mu gihe dusoma Igitabu cacu c’Igihe c’Ishengero, vyogorana kugira tugishire hasi, imitima yacu iriko iraturika. Buri munsi Ituzanira ukundi guhishurirwa. Dushaka gusimbasimba maze dukome akaruru, twiruke hirya no hino mu cumba hanyuma dusemerere tuti, “ Imana Ishimwe, Haleluya, Umwami ashimwe.” Mwoba mwarasomye ibi?” Ndabifise vyerekanywe neza, ariko sinigeze, SINIGEZE, ndabisoma nk’uko mbere. “ Iriko Iraduhishurira Bibiliya yose uhereye mw’Itanguriro gushitsa mu vyahishuriwe Yohana, kandi ndabona TWEBWE UBWACU MW’IJAMBO RYIWE.

Turabona Urya Mugeni w’Ukuri yagumanye n’Ijambo mu bihe vyose kandi ntiyahenzwe n’uruhendo ruhambaye rwa Satani. Yashatse gusengwa nk’Imana. Ariko igihe cose habayeho Uwo MUGENI W’UKURI, aguma ari umwizigirwa kw’Ijambo ryiWe. Urya mugwi mutoyi watoranijwe wagumanye n’Intumwa yiWe. Ntibari gushobora, ntibogiriraniye imyumvikano , nka twebwe. Bari bazi yuko hariho UBURYO BUMWE GUSA bwo: Kugumana n’inzira yiwe yateguwe, Ijambo ryiwe, Umumalayika wiWe.

Ukuntu Satani yamye ari umunyaruhendo igihe cose. Yakoze mu buryo bwiwe biciye mu bihe vy’Ishengero bitandukanye gushika ashikije imigambi yiwe. Ubu yegereye UWUTUNGANYE kuburyo yohenda n’uwatoranijwe iyaba vyoshoboka… Ariko Imana Ishimwe, NTIVYOSHOBOKA, NTITWAHENZWE. Kuki? TWAGUMANYE N’IJWI RY’IMANA, IJAMBO RYIWE RYIHAYE UMUBIRI.

Nta bundi buryo bwo kuRizunguruka. Ijwi ry’Imana ni inzira yiwe yateguwe kubwo iki gihe. Twagumye dukora ibikorwa vyiwe mu bwizigirwa gushika kw’iherezo. Twarahawe ubushobozi ku mahanga, kandi turi abarongozi bakomeye, bashoboye, batanyiganyiga bashobora guhangana bikomeye n’igihe ico ari co cose . N’umwansi wacu wo ku rwego rwo hejuru yarajanjaguwe. Twemeza ububasha bwacu , kubwo ubushobozi bwiWe , kurya kw’ Umwana ubwiWe.

YOOO, Ese ukuntu twipfuza kwerekana mu majambo ukungene twiyumva. Umusi umwe tuzobishobora bagenzi, tuzobana n’Umwami wacu mu bihe Bidashira, umumalayika wiWe, turi kumwe.

Nka wa mupfasoni w’umwirabure I Memphis, twaramenye ko yari we igihe twamwumva. Kuki? Yooo, turi UMWE MURI BO.

Wokwipfuza ko Mpwemu yera avugana nawe maze akakubwira uwo uri? Ingo ugiriranire imigenderanire n’ukubaho k’Umwami hamwe natwe kuri uwu w’iyinga isaha zitandatu ku muhingamo , isaha ya Jeffersonville (akaba ari isaha 12 zo ku mugoroba mu Burundi), Mu gihe tUzokwumviriza: Igihe c’ishengero ry’I Tuwatira 60-1208. Bizohindura ubuzima bwawe.

MweneData Joseph Branham

23-0514 Igihe C Ishengero Ry I Perugamo

Ubutumwa: 60-1207 Igihe C Ishengero Ry I Perugamo

Kuvoma Ubutumwa

Ibimenyeshejwe Ibimenyeshejwe ku bijanye n’ugusobanura mu zindi ndimi bikorerwa muri Branham Tabernacle

Bakunzi bana b’Umuhanuzi,

Turi Ijambo ryagaragajwe, twahawe inkomezi na Mpwemu, twumviriza Ijwi ry’Imana, nk’uko abitubwira, TURI UMUGENI WIWE.

Data yahaye Ishengero ryiWe ingabire ICENDA za Mpwemu, hamwe n’ibikorwa bitanu vy’ivugabutumwa, ariko Yesu Yavuze Ati: Muri BURI gihe cose nzokorana n’umuntu UMWE GUSA. Intumwa IMWE gusa muri buri gihe cose niyo izokwakira ivyo ntegerezwa kubwira ico gihe. Yuko iyo NTUMWA ari yo ntumwa kw’ishengero ry’ukuri.

Ivugana n’Imana kubwo uguhishurirwa. Ubutumwa buca bukwiragira kuri bose , ariko bwakirwa n’umugwi munaka wiharije mu buryo bunaka. Buri muntu ku giti ciwe muri uwo mugwi niwe afise ubushobozi bwo kwumviriza ivyo Mpwemu aba ariko aravuga biciye muri iyo Ntumwa. Abo bumva si kubwo uguhishurirwa kwabo bwite, si n’umugwi uronka uguhishurwa kwawo muri rusangi, ARIKO BURI MUNTU ARIKO ARUMVIRIZA HANYUMA ACA ARONKA IVYO IYO NTUMWA YARONSE BIVUYE KU MANA.

Ese ukuntu dutegerezwa kumera magabo mu kwumviriza Ijwi, kuko Mpwemu niryo Jwi gusa afise ariryo Jwi ry’Imana.

Hariho IJWI RY’IMANA RIMWE kandi ntiRitegerezwa kugezwa nka zimwe ICENDA, canke gusuzumwa kwa bamwe BATANU ; NI IJWI JAMBO RITUNGANYE GUSA !!

Twoshobora kwumviriza abandi bavugabutumwa ? Ego, ariko ikintu nyamukuru gusa ni ukuvuga ivyavuzwe n’umuhanuzi. Abandi boshobora kandi bohanura, bakigisha hanyuma bakavuga ubutumwa ; ariko Imana yaraduciriye inzira uyu munsi gusumba IKINDI GIHE. Turashobora kwumva ivyo Imana Ibwira Ishengero neza na neza ata guca ku ruhande.

Yatubwiye ko dutegerezwa kumera magabo. YATUBWIYE, SI JEWE, yuko abongerako hano , canke abongerako hariya, kandi vuba Ubutumwa ntibuzoba bugitunganye. Igihe ukwumviriza Ama Bande , ari Ijambo kw’Ijambo, Niko Uhoraho Agize.

Ikimenyamenya c’ukubaho kwa Mpwemu kwari ugushima hamwe no GUKURIKIRA Ivyo Umuhanuzi w’Imana yahaye igihe ciWe mu gihe yashira ishengero ku rutonde.

Nico gituma dukurikira, hanyuma tukavuga , yuko umwungere wacu ari we ntumwa mumalayika w’indwi kandi tugashaka gusa kwumviriza ivyo yategerezwa kuvuga. Kuri twebwe , ni Manu ihishijwe.

Uguhishurirwa kwasutswe ku ntumwa mumalayika wacu. Uguhishurirwa kw’Ijambo kwaratanzwe kandi yaraguhawe kubwo igihe cacu. Arafise uguhishuriwa guhamabye kw’ico Kristo Ari ; umuhamagaro uhambaye gusumba iyindi yose. Asangwa tudashoboye kubaho ubuzima gusumba umwungere wacu, rero dukeneye William Marrion Branham nk’umwungere wacu.

Turazi y’uko abandi batazobona nk’ivyo tubona, hanyuma ngo bizere nk’ivyo twizeye, ariko baracari beneData n’abashikibacu, kandi tuzobana nabo mu bihe bidashira. Ariko dutegerezwa kuguma turi abizigirwa kuvyo twizeye yuko ari inzira Imana yatweretse kugira tuMusenge hanyuma tuMukurikire.

Ku bandi biroroshe kuvuga yuko dushira imbere Intumwa, ariko mu vy’ukuri, tuba turiko turavuga ivyo yavuze . Mutegerezwa gushira ivyo hejuru hamwe n’Umwami. Kuko aba Ari IJwi ry’Imana riba ririko rivuga ibi bintu.

Reka twugurure imitima yacu hanyuma twiyumvire maze dusome ivyo Mpwemu atubwira biciye mu Mumalayika wiWe :

Araje mw’isi vuba, Umumalayika ahambaye w’Umuco azoza kuri twebwe, aturongorere gusohoka, Mpwemu Yera ahambaye, azoza mu bushobozi, hanyuma azoturongorera ku Mwami Yesu Kristo. Nkumbure ntavyo azomenya, ariko azoba ari hano imwe muri iyi minsi. Azotuma… Imana izomumenyekanisha. Ntazotegerezwa kwimenyekanisha , Imana Izomumenyekanisha. Imana Izokwemeza Abayo. Ivyo nivyo Yesu Yavuze igihe yari hano kandi ntibaMumenye, murabona. Yavuze ati « Nintakora Ibikorwa vya Data, Rero ntimuNyizere ; ariko asangwa nkoze ibikorwa vya Data, hanyuma ntimuNyizere, rero izere ibikorwa. » Ukwo ni ukuri ?

Ntariko ariyita ubwiwe Umumalayika ahambaye w’Umuco kubwo iki gihe ? Turazi yuko ari Mpwemu Yera muri We, Ariko yavuze ati : Nkumbure ntavyo azi, ariko azoba ari hano imwe muri iyi minsi. Mpwemu Yera ntazomenya uwa ari we ? Ntazotegerezwa kwimenyekanisha ; ubwiwe Imana izomumenyekanisha.

Rero ariko iriko Iravuga yuko , Umuhanuzi w’igihe cacu ari umumalayika ahamabaye w’Umuco azoturongorera gusohoka hamwe no kuri Yesu Kristo kubwa Mpwemu Yera biciye muri We. Hariho uguhishurirwa kw’igihe cacu.

Ninde azomenyekanisha Umugeni ku Mwami ? UMWUNGERE WACU.

Ariko uwu muhanuzi azoza, kandi nk’integuza kubwo ukuza kwa mbere yarasemereye ati, “ Ng’uyu Umwagazi w’intama w’Imana ukura icaha c’abari mw’isi,” kandi nuwo ata nkeka azosemerera ati, “ Ng’uyu Umwagazi w’intama w’Imana , aje mu bwiza.” Azokora ibi, kuko na Yohana yari Intumwa y’ukuri kubatoranijwe, niko iri n’iyi ntumwa yanyuma ku mugeni yatoranijwe akavyarwa n’ Ijambo.

Tumaze kumenya uku kuri, kandi tumaze kuronka Uguhishurirwa kwose kwiwe muri iki gihe, twacitse Umugeni yavyawe na Mpwemu kandi yuzuye Mpwemu.

NEZERWA MUGENI, UKWO NI KWO TURI!

Igihe umuntu yavyawe na Mpwemu kandi yuzuye Mpwemu mu kwizera, afashe Ijambo mu mutima wiwe maze akaryatura n’umunwa wiwe, yemwe aho ni nk’Imana Iba Iriko Iravuga. Umusozi wose utegerezwa gushinguka. Satani ntashobora guhagarara imbere y’uwo muntu.

Ubu uguhuza nyakwo kuri hagati y’Umukwe na twebwe, Umugeni wiWe. Yaratweretse Ijambo ryiWe ry’ubugingo, kandi twaraRyakiriye. Ntituzokwigera tuRikekeranya. Kubw’ivyo, nta kintu na kimwe gishobora kutugirira nabi, habe n’urupfu.

NEZERWA MUGENI, UKWO NI KWO TURI !

Ijambo riri mu Mugeni (nk’uko ryari riri muri Mariya). Umugeni afise ivyiyumviro nk’ivya Kristo kuko arazi ico ashaka gukoresha Ijambo. Ashitsa ic’ Ijambo ritegeka mw’Izina ryiWe kuko afise, “ Niko Uhoraho Agize.” Hanyuma Ijambo Rigirwa Rizima na Mpwemu kandi Rigashitswa. Nk’uko urubuto rwatewe maze rukavomerwa, rugashika ku gihe c’iyimbura , rugakora intumbero yarwo.

Twarashitse kw’iyimbura ryose kandi ubu turiko dukora intumbero yiWe. Dushobora gukora gusa ubugombe bwiWe Nta n’umwe yodutuma dukora ibindi. Dufise “ Niko Uhoraho Agize,” kandi tuguma dutekereje. Turazi yuko ari Imana Iri muri twebwe, Ikora ibikorwa, ishitsa Ijambo ryaYo bwite.

Turahimbawe, kuko Umuhanuzi yaratubonye hirya ya ca Gihuzu c’igihe mu gihe twese tuduza amajwi yacu maze tugakomera akaruru hamwe tuti, “turuhukiye kuri ivyo”.

Nimuze mwifatanye natwe ku w’iyinga kw’isaha zitandatu z’umuhingamo , isaha ya Jeffersonville ( akaba ari isaha cumi na zibiri z’ umugoroba mu Burundi) , mu gihe twumviriza Ijwi ry’Imana Rituzanira Ibanga ry’ : Igihe c’Ishengero ry’I Perugamo 60-1207

MweneData Joseph Branham

Uguharura 23:8-9
Ivyahishuriwe Yohana 2:12-17, 17:1-5, 17:15

23-0507 Igihe C Ishengero Ry I Simuruna

Ubutumwa: 60-1206 Igihe C Ishengero Ry I Simuruna

Kuvoma Ubutumwa

Ibimenyeshejwe Ibimenyeshejwe ku bijanye n’ugusobanura mu zindi ndimi bikorerwa muri Branham Tabernacle

Bakunzi Bizera b’Ukuri,

Tumeze nk’abana b’Isirayeli bavuye muri Egiputa hanyuma bagahagararira mu gihugu c’Isezerano. Twese twagiriye urugendo hamwe. Twese twaboneye hamwe Ibitangaza vy’Imana ; Bose bariye kuri ya Manu n’amazi avuye mu gitandara cakubiswe. Twese twavuga yuko twakurikira ya Nkingi y’Umuriro. Ariko babiri gusa nibo bashitse mu
gihugu c’isezerano ico gihe. Kuki ? BABIRI GUSA NIBO BARI ABANYAKURI CANKE ABIZERA B’UKURI. Ni ubuhe budasa ico gihe hamwe n’ubu ? Abizera b’Ukuri bagumanye n’Ijambo.

Hariho umugwi umwe wiharije w’abantu ushobora kwumviriza ivyo Mpwemu Avuze. Umugwi umwe gusa waronse uguhishurirwa. Uwo mugwi ni uw’Imana. Bumviriza ivyo Mpwemu ariko aravuga kandi baravyakiriye.

Turi urya mugwi wiharije ufise Mpwemu w’Imana. Turi abavyawe n’Imana. Turi ababatijwe mu Mubiri w’Umwami Yesu Kristo kubwa Mpwemu wiWe.

Ikimenyamenya c’ukuri NI UKWUMVIRIZA ivyo Mpwemu avuga. Mpwemu aravuga. Mpwemu arigisha. Ivyo nivyo Yesu yavuze neza na neza ko yokoze igihe yaza. Yohana 14 :26, « Azobigisha ibintu vyose, maze abibutse ibintu vyose nababwiye . »

Yesu Yadusezeraniye yuko Azobana natwe. Azoturongora, atuyobore maze aducire inzira nk’abantu ku giti cabo. Haraheze imyaka mirongo indwi n’ibiri gushika uyu munsi, Imana Yavuye mu Mumalayika waYo w’inkomezi hanyuma Abwira Isi ati, « Ndi Ijwi ry’Imana kuri mwebwe .» Yabwiye ikiremwa muntu cose ati, « Jewe, Mpwemu Yera, ndafise Ijwi nzokoresha kugira mvugane namwe hanyuma ndabahishurire amabanga yose yanje. » Ntiyari bwigere Aronka ako karyo kugira Ijwi ryiwe Rifatwe kuri bande hanyuma dushobore kwumviriza Ijwi ryiWe Rivugana natwe umunwa ku gutwi.

Mu kwumviriza Ijwi ryiwe kuri Bande ntimuzosubira kwibaza, kwizigira canke ngo mugusengera ivyo muriko murumviriza yuko ari Ukuri. Ico umuntu akwiye gukora co nyene ni gufyonda akavuza, maze bakumviriza Ijwi ry’Imana Ribabwira Riti, « NIKO UHORAHO AGIZE. »

Murakeneye ugukira Indwara : Fyonda muvuze. Murakeneye kwubaka urwanyu : Fyonda muvuze. Murakenewe guhambwa : Fyonda muvuze. Mwoba mufise ikibazo mu mutima : Fyonda muvuze. Mwoba mufise ikintu mugenderamwo hanyuma mukaba mukeneye imfashanyo: Fyonda muvuze. Mwoba mufise ingingo ngirakamaro mushaka gufata : Fyonda muvuze. Mwoba mutazi ico mwokora mu buzima bwanyu : Fyonda muvuze hanyuma mwumvirize Ijwi Ry’Imana, Mpwemu Yera, Avugana namwe umunwa ku gutwi.

Mpwemu ni Umuhanuzi w’iki gihe. Yabwiye isi yuko , ibi ari Ijwi natoranije kugira ribe Ijwi ryanje kuri mwebwe. Nzokwuzuza abandi Mpwemu Yera wanje, kandi nabarungitse kugira ngo babafashe, ariko mfise Ijwi rimwe gusa mvuga yuko ari IJWI RYANJE.
Narafashwe n’ifoto kugira ndabigaragarize isi, Nimwumwirize.

Ntimuntahure nabi. Ego, hariho abantu b’Imana basizwe buzuye Mpwemu Yera Yahamagaye kugira ngo bafashe Abana baYo. ndasenga ngo mbe umwe muri bo. Nabo bashobora kuguhanura, kukuremesha no kukuyobora mu rugendo rw’ubuzima. Imana yabashize aho kubwo intumbero. Ariko Impanuro NYAMUKURU , Indemeshanyo n’uburongozi ushobora kwakira ni Ijwi ry’Imana rivugana namwe biciye mu gufyonda mukavuza. Ikintu cose ndababwira, canke uwundi muntu, gitegerzwa kuba kivuye Mw’Ijwi ry’Imana Riri kuri Bande.

Nta kindi kintu ngirakamaro mu buzima bwanyu , gisumba kwumviriza Ijwi ry’Imana rivugana namwe. Nimwibaze mwebwe ubwanyu, hoba hariho ikintu muri iyi si GIHAMBAYE noshobora gukora, canke ari ngirakamaro mu buzima bwanje, gisumba kwumviriza Ijwi ry’Imana Ryagaragajwe ? Kwumviriza MweneData Joseph, OYA. Kwumviriza Uwundi muntu, OYA. Nta kintu GIHAMBAYE GUSUMVYA RIRYA JWI.

Asangwa umuntu wese afise uguhishurirwa hamwe na Mpwemu Yera mu buzima bwiwe ategerezwa
kuvuga AMEN . Nta kintu gihambaye muri iyi si gisumba gufyonda ukavuza.

Ese Ukuntu dutegerezwa kumera magabo muri iki gihe c’iherezo kugira ngo tugumane n’Ijambo . Amajambo avuye kwa papa, avuga ko ari icariho c’Imana, bihindura akaburungu n’agakwego k’ivyavuzwe. Mu maso y’Imana, VYOSE ni IBIGWANYA IJAMBO, NI ANTIKRISTO.

Ntidukeneye kuba nka ba bantu bo mu gihe ca Samweli.

Igihe begera Samweli hanyuma bakamusaba umwami. Samweli yarababaye cane gushika naho umutima wiwe unanirwa kwihangana. Imana yamye irongora ihanga ryayo biciye mu Muhanuzi yashikaniwe Imana, Umuhanuzi yagaragajwe n’ivyanditswe hanyuma yariyumvise nk’aho yanswe….

Twarakunze ivyo bitangaza, Ubwenge, ivyabitswe n’ukurindwa kw’Imana. Turamwizeye. Turamukunda. Kandi ikigeretseko ntidushaka kubaho tutamufise. Dukeneye gusa umwami azodufasha kurwana…

“… *DUKENEYE UMWAMI UMWE MURI TWEBWE WO KUTURONGORA.”

Kandi Imana yabwiye Samweli Iti,”Murabona, Ntibakwanse, ariko banse JEWE kugira ngo sindabarongore*.”

Yamara twiyumva nka Elisa igihe yariko avugana na Eliya. Eliya YAMUBWIYE KU MUGARAGARO, (Uyu munsi biza kuba nk’ivyo yavuze kuri Bande,) Guma hano mu gihe ngiye. Elisa ntiyobishoboye kandi ntiyari gushobora kubikora, Yari afise UGUHISHURIRWA kw’Ijambo kubwo igihe ciwe.

Rero, twarababonye mu gihe bariko barabandanya urugendo, baja kwishule, Hanyuma yavuze ati,” Guma hano ubu. Guma hano, hanyuma wicare maze ube umwigisha wa TEWOLOJIYA, N’ibindi. Hanyuma nkumbure umusi umwe , azoba umukuru w’iri shule hano. Ariko ntegerezwa kumanuka ubugira kandi.”

57 Mwoshobora kwiyumvira umukozi w’Imana ahazwa no kuba umukuru w’ishule, mu gihe inkomezi z’Imana zaba zikikuje aho yaba ahagaze? Oya , Mugenzi. Yavuze ati,” ndahiye uguhoraho kw’Uhoraho, nawe nyene ndakurahiye, sintandukana nawe. Ndakunda Ivyo. Gumana naryo, ntaco bitwaye aboguca intege uko boba bangana, naho yoba ari mama wawe, papa wawe, canke umwungere wawe. Gumana naWe.

Nk’uko Umwami ariho, nzogumana n’Ijwi ry’Imana mu gufyonda nkavuza, Kuko ari niko Uhoraho Agize kuri jewe.

Muze mwifatanye n’ubusho bwacu, kuri uwu w’iyinga isaha zitandatu z’umuhingamo , isaha ya Jeffersonville(Akaba ari isaha cumi na zibiri z’umugoroba mu Burundi), mu gihe tuzoba dukoraniye hamwe mu kwumviriza Ijwi ryiWe rivugana natwe hanyuma Rituzanire Uguhishurirwa kw’: Igihe c’Ishengero ry’I Simuruna 1960-1206

MweneData Joseph Branham

Ivyanditswe vyo gusoma imbere yo kumviriza ubutumwa:

Ivyahishuriwe Yohana 2:8-11
Ivyakozwe n’Intumwa 20:27-30

23-0430 Igihe C Ishengero Ryo Muri Efes

Ubutumwa: 60-1205 Igihe C Ishengero Ryo Muri Efes

Kuvoma Ubutumwa

Ibimenyeshejwe Ibimenyeshejwe ku bijanye n’ugusobanura mu zindi ndimi bikorerwa muri Branham Tabernacle

Mukunzi Nzahabu Utunganye Wakubiswe,

Ese ukuntu nshima no kwifatanya namwe, tukaja muri Mpwemu hanyuma tukumviriza Imana Ivugana natwe , umunwa ku gutwi. Nta herezo ivyo Iriko iraduhishurira bifise. Imitima yacu yuzuye umunezero. Ubugingo bwacu buriko burabiragira. Mbega ni gute umuntu yotahura ivyo turiko turumviriza ?

Umviriza gusa ivyo Umwami ariko aratubwira gusa, « Muri ishengero ryanje ry’ukuri, Umugeni wanje. Kubwanje, Musa nk’inzahabu y’Ukuri. Ukugororoka kwanyu ni Ukugororoka kwanje. Ibibagize ni ibinginze bwite vy’ubwiza. Akaranga kanyu kava muri Jewe. Ico NDI, Nico mwerekana. Ico MFISE, Nico mugaragaza.

Kubwanje, Nta kosa riri muri mwebwe, Muri ab’ubwiza vy’ukuri imbere hamwe n’inyumaku . Muri igikorwa canje… Kandi ibikorwa vyanje vyose biratunganye.

Ntimuzokwigera muja mu rubanza, Kuko icaha ntigishobora guharurwa kuri mwebwe. Uherereye n’imbere y’ugushirwaho kw’isi, Intumbero yanje yari iyo gusangira NAMWE Ubugingo Budashira.

Ni gute umuntu yoshobora gutahura aya majambo ? Ni gute ubwenge bwacu bwoshobora gutahura ibiriko birashika ? Ibiriko birahishurwa ? Nimuvyiyumvireko, Ntidutegerezwa kuvuza akaruru mu mitima yacu hanyuma tukavuga tuti, « Yoo, ivyo bitegerzwa kuba vyari ivya hariya inyuma mu gihe ca mbere igihe intumwa zarungikwa ubwa mbere. » Nta kamaro kuri twebwe kwitegereza inyuma , Kubwiwe, Uwutigera Ahinduka uko Ameze canke inzira Ziwe, Ari hagati muri twebwe UBU, Avugana natwe hanyuma Akatubwira yuko Ari Wa wundi ejo , uyu munsi n’ibihe bidashira. Iki ni igihe GIHAMBAYE muri kahise k’isi tubayemwo.

Twarakubiswe kandi twarogejwe, twuzuye imibabaro Kristo yasigaje. Turi nk’intama zo kubagwa. Twirirwa twicwa. Turababara cane, ariko muri vyose , ntitwihora, ntitunatuma abandi bababara. Kubwiwe, turi Inzahabu y’ukuri yakubiswe, itavunywe, itajanjaguwe, itononywe, ariko ikozwe nk’ikintu c’ubwiza hamwe n’umunezero kubwo ibigeragezo n’ibipimo vy’ubu buzima.

Ubu Iriko Iragabisha abandi bose Iti, « Subira ku rukundo rwanyu rwa mbere. » Ukuntu bameze magabo mu gihe mudashobora guhindura IJAMBO RIMWE, Nta na kaburungu canke agakwego. Ayo yari amayeri ya Satani mw’itongo rya Edeni. Ijambo rimwe gusa ryongeweko, Ijambo rimwe gusa ryakuweko, rero bica birwanya Ijambo.

Muri iki gihe ca nyuma atugabisha yuko hazobaho abahanuzi b’ibinyoma, babwira abantu yuko batabizeye hamwe n’ivyo bavuga, bazoba bazimiye.

Hariho gusa INZIRA IMWE YONYENE kugira mumenye ata gukekeranya ko ata KINTU congeweko, ata kintu cakuweko, nta n’ikintu cahinduwe… mu kwumviriza IJWI RY’IMANA ritunganye … GUFYONDA MUKAVUZA.

Nshimira Umwami kubw abavugabutumwa nyakuri bigishijwe b’abizigirwa, batabwira gusa intama zabo akamaro ko kwumviriza Ubutumwa buri munsi mu mazu yabo, ariko mu kuba abarongozo nyakuri, berekana Ubu Butumwa, Iri Jwi, aya Mabande, UBWA MBERE NA MBERE imbere y’abantu mu mashengero yabo.

Mu kuvuga ibi bintu, ntahurwa nabi hamwe no kwagirizwa gusambura amashengero hamwe no kubwira abantu kutaja kw’ishengero. Ivyo si ukuri. IJAMBO ririko rirakura abantu muri ayo mashengero adaha ikibanza ca MBERE ama bande mu mashengero yabo . Bafise inzara yo kwumviriza IJAMBO ry’Umuhanuzi w’Imana. Bumva yuko ari Ubutumwa n’Ijwi bifise ikimazi kurushiriza bakeneye kwumviriza. Bumva ko ari Ubugombe bw’Imana butunganye kuvuza Ama bande mw’ishengero ryabo.

Namba mbwira abantu nti, « GENDA KW’ISHENGERO » Igihe babajije bati, « Wumwa ko abavugabutumwa bobandanya kwigisha ? « Ego. » Sindigera mvuga canke niyumvira yuko batokwigisha. Mbwira gusa abavugabutumwa, abigisha, abungere nti, « Ni mukore ico Imana yabahamagariye gukora, ARIKO NDABASAVYE, mushire Ijwi ry’Imana riri kuri bande IMBERE, SI IVUGABUTUMWA RYANYU .»

Ukwo ni UGUHISHURIRWA kwanje. Bategerezwa gukora nk’uko BIYUMVISEMWO GUKORA. Ndafise uburenganzira bwo kuvuga ubutumwa no kwigisha ivyo niyumvamwo. Asangwa bashaka kuvuga yuko MweneData Branham atigeze avuga kuvuza Bande mw’Ishengero, Ijwi ry’Imana bavuga ko bizeye, ivyo birabasha .

Mpwemu Yera ni, Kandi Yama, Arongora Umugeni Wiwe. Twizigiye yuko Ariko Aratubwira ati, « FYONDA MUVUZE, GUMANA N’UMUHANUZI WANJE, IJWI RYANJE, MPWEMU YERA WANJE. »

Rero, tuzohangana navyo, muri ico gihe , nk’uko vyahanganye na Eliya umuhanuzi mbere . Kandi asangwa uri Umwana w’Imana, uzogumana n’Umuhanuzi w’iyi Bibiliya. Ni Ijambo. Itegereze Isaha, igihe.

Ni uwuhe muhanuzi wa Bibiliya, Ijambo, Mpwemu Yera !

Mpwemu Yera w’iki gihe ; Agaragaza Ijambo ryiwe, akaryemeza. Mpwemu yari Umuhanuzi w’igihe ca MOSE. Mpwemu Yera yari Umuhanuzi w’igihe ca Mikaya. Mpwemu Yera Uwanditse Ijambo araza maze akemeza Ijambo.

Mpwemu Yera w’iki gihe ariko araturongora kubwo umuhanuzi wiwe, nkuko yabikoze muri buri gihe. Imana ntiyigera ihindura gahunda yayo.

Kubw’ivyo , muratumiwe kuza kwifatanya natwe kuvyo twumva yuko ari Gahunda y’Imana mu kwumviriza Mpwemu Yera avuga biciye mu muhanuzi wayo, hanyuma aturongore mu gihe atuzanira Ubutumwa : Ishengero ryo muri Efeso 60-1205, isaha zitandatu z’umuhingamo kw’Isaha ya Jeffersonville (akaba ari isaha cumi na zibiri z’umugoroba mu Burundi).

MweneData Joseph Branham

Ivyakozwe n’Intumwa 20 :27-30
Ivyahishuriwe Yohana 2 :1-7

23-0423 Iyerekwa Ry I Patimo

Ubutumwa: 60-1204e Iyerekwa Ry I Patimo

Kuvoma Ubutumwa

Ibimenyeshejwe

Bakundwa Bakunzi b’Ijambo ry’Imana,

Ukuntu ari ivyo igikundiro gushobora kuvugana n’umwe wese muri mwebwe nk’ Abakunzi b’Ijambo ry’Imana. Nta kintu na kimwe gishobora gufata ikibanza c’Ivyo. Kuronka akaryo ko gushobora kwumviriza buri munsi w’ubuzima bwacu Umwami wacu, Avuga biciye mu munwa w’ikiremwa muntu, hanyuma akatubwira uwo ari We n’abo TURI. Nta kibanza na kimwe, nta Jwi, nta shengero kandi nta muntu n’umwe ashobora kubabwira ibi bintu nk’ IJWI RY’IMANA .

Yatubwiye yuko ugusirwa kw’Ijambo kwari kuri kuma bande. Ico dutegerezwa gusa gukora ni gufyonda tukavuza hanyuma Mpwemu Yera
akuzura ico cumba. Intumwa yacu yariko ikura ubuzima, n’umuco mu masoko y’irya bakure nyamukuru . Urutambi rwiWe rwari rwadwibijwemwo.

Ubugingo bwiwe buriko burarurumbishwa na Mpwemu Yera. Urutambi rwiWe (ubuzima) bwadwibijwe muri Kristo. Biciye muri urwo rutambi Ariko arakura ubuzima muri Kristo, kandi kubw’ubwo, biduha umuco, twebwe Umugeni.

Kandi ntatubwira gusa kuvyerekeye urutambi rw’intumwa yiwe ihambaye gusa , ariko twese ko tunywa kw’isoko imwe. Twese twadwibijwe mw’ibakure imwe. Twariyishe twebwe ubwacu ubuzima bwacu bukaba buhishijwe mu Mana hamwe na Kristo , bwashizweko ikidodo na Mpwemu Yera.

Nta muntu ashobora kudukura mu biganza vyiWe. Ntidushobora kwinjiza ubwoba mu buzima bwacu.
Ubuzima buboneka buriko burarurumba kandi bwakakira muri twebwe, butanga umuco n’ukugaragara kwa Mpwemu Yera. Ibwina hacu, ubuzima butaboneka bunyegejwe mu Mana kandi bugaburirwa n’Ijambo ry’Umwami. Dufise Uguhishura kwa Yesu Krist mu gihe cacu.

Ese ukuntu Ijambo rigaburira Ubugingo bwacu. Nta kintu na kimwe cogereranywa n’ico. Ukuntu yateguye inzira kugira Umugeni wo kw’isi yose , ashobore gukoranira hamwe kugira yumvirize Ijwi ry’Imana ku mwanya Umwe. Ntaco bitwaye uko abanegura canke abakekeranya bovuga, Imana yaraciye inzira kandi ni ikintu c’ubumote bwiza kuri We. Ahejeje kutubwira yuko azodukoraniriza hamwe ku mpera y’umunsi ugira gatatu. Imana Ishimwe.

Nimuze twese dukoranire hamwe uyu w’iyinga isaha zitandatu ku muhingamo , Isaha ya Jeffersonille, kugira twumvirize Ijwi ry’Imana rituzanira Ihishurirwa ry’Ijambo mu gihe twumviriza : Iyerekwa rya Patimo 60-1204E.

Ubwa mbere, dutegerezwa kwinjira muri MPWEMU mu gihe tuzoba tugiye kwumviriza;

Rya Jwi ryasamiranye Ijambo ryiwe mw’Itongo rya Edeni no ku Musozi Sinayi, akaba ariRyo Jwi ryumvikaniye ku Musozi wo gukayangana, Ryarasubiriye kwumvikana, kandi iki gihe, ku mashengero ndwi afise uguhishura kwa Yesu Kristo kwanyuma kandi gukwiye.

Mwenedata Joseph Branham

Ivyanditswe vyo gusoma mu kwitegurira Ubutumwa.

Mwibuke gusoma no kwumviriza Igitabu c’ibihe ndwi vy’Ishengero.

Yesaya 28:8-12
Daniyeli 7:8-14
Zekariya 4:1-6
Malaki 4:1-2, 4:5
Matayo 11:28-29, 17:1-2
Yohana 5:22
Abaheburayo 4:3-4, 4:7-10, 4:12
Ivyahishuriwe Yohana 1: 9-20, 19:11-15

Ibimenyeshejwe k’urukurikirane rw’Ibihe vy’Ishengero

Aya ni amakuru y’ikibiriraho ava muri Branham Tabernacle.
Twisunze Ubutumwa bw’Ibihe vy’Ishengero tuzoba turiko turumviriza buri uw’iyinga mu Mashengero yo mu nzu ya Bande, twipfuza kandi kubatumirira gusoma igice gihura n’ibiri mu Bitabu vyanyu vy’ibihe vy’Ishengero hagati mu ndwi. Nk’uko MweneData Branham yabivuze mu Butumwa bwa mbere bw’uru rukurikirane ati, « Hahirwa uwusoma, hamwe n’abumva amajambo y’ubu buvugishwa. » Iki ni icirwa cimbitse c’Ijambo, cama kimfasha gusoma mu buryo bwanje bwite, ngahagarika kugira ngo niyumvire hanyuma nsenge kubwo aya majambo y’Igitangaza Mwenedata Branham avuga muri Iki Gitabu c’ibihe vy’ishengero.

Yamara , murashobora kwumviriza Audio y’Igitabu c’Ibihe vy’Ishengero, izoshirwa ku rubuga Lifeline buri munsi mu ndwi yose. Buri Gice ca audio kizoshirwako isaha zitatu z’igitondo ku wa mbere, isaha zitandatu ku muhingamo ku wa kabiri, isaha icenda ku muhingamo ku wa gatatu, isaha icumi na zibiri ku muhingamo ku wa kane, hamwe n’isaha zitatu z ‘ijoro ku wa gatanu, bizoba vyoroshe kwumviriza kw’isaha iyo ari yo yose iboroheye.

Hazobaho n’ibibazo bishasha bizoshirwa ku rubuga rwa Young Foundations kuri buri Gice, , kuba kiri bato biyandikishije ku rubuga rwa Young Foundation. Bizotangura mu kwezi kwa gatanu, Ibibazo vya bande vyo kuw’iyinga bizosubirira ibibazo vy amezi abiri musanzwe muronka. Ni Igihe ciza co kwegeranya amanota yanyu mu gihe ibibazo bizokwiyongera incuro zibiri, ariko umwe wese aracahabwa amanota 10 !

Turasengera iki cigwa cimbitse c’urukurikirane rw’ibihe vy’Ishengero kugira kizobe umuhezagiro wiharije kuri mwebwe hamwe n’umuryango wanyu wose.

MweneData Joseph

23-0416 Uguhishura Kwa Yesu Kristo

Ubutumwa: 60-1204m Uguhishura Kwa Yesu Kristo

Kuvoma Ubutumwa

Ibimenyeshejwe Ibimenyeshejwe ku bijanye n’ugusobanura mu zindi ndimi bikorerwa muri Branham Tabernacle

Mukunzi Giti-Mugeni,

Mbega Yubile Igiti-Mugeni ariko aragira. Umutima wacu n’ubugingo bwacu biriko burarurumbira imbere muri twebwe gusumba uko vyari biri mbere. Iriko Iragendagenda kandi Ivugana natwe, Ihishura Ijambo ryayo. Ibintu biriko birashika vyihuta kuburyo tudashobora kuBigenzura.

Twumviriza Ijambo ritunganye ry’Imana ryagaragajwe n’Igiti-Muhanuzi atunganye, yigisha Ijambo ry’umuhanuzi ritunganye, azana icamwa-Muhanuzi gitunganye, kubwo Ijambo ry’Imana Ritunganye.

Ikintu cose cononywe maze kikaribwa n’intumwa zine z’urupfu zishe ca Giti, ubu caramaze gushumbushwa ubugira kandi n’intumwa zine z’Ubugingo. Si intumwa ZITANU, si intumwa zitanu z’igikorwa c’ivugabutumwa, si umugwi ; intumwa ZINE zarashumbushije ca Giti-Mugeni.

Uhereye ubwa mbere na mbere, Imana yari yararindiriye iki gihe n’uyu mwanya ko vyoshika kugira Ishobore kubona Icamwa cayo, mu gihe Cayo, kubwo igihe c’umuhanuzi. Turi ico camwa. Iki nico gihe. Igihe c’iyimbura cageze.

Iyi pasika y’impera y’indwi uko yagenze nta yindi Pasika umuntu yari bwagire imeze nkayo. Ntituzoguma uko twari tumeze. Ukubaho kw’Umwami nk’uko. Narindindiriye Izamurwa ko ryoshika umwanya n’Umwanya.

Muri Bibiliya, Dawidi yavuze aya majambo : Bantoboye ibiganza vyanje n’ibirenge. Nshobora guharura amagufa yanje yose : Bandaba bankanuriye amaso.

Abantu barasomye kandi barumvise ico gice imyaka amajana, ariko igihe Yesu yari amanitse hariya imbere y’amaso yabo ku musaraba, Umugeni yotegerejwe kuba yaramwitegereje maze aca aratahura, Iki Gihe, Iki canditswe kirashitse imbere y’amaso yanyu.

Ivyo bategerezwa kwiyumvamwo igihe batahura babibonye n’amaso yabo, yuko Ico Canditswe cari gishikijwe , hanyuma bahindutse igice c’Ijambo ryanditswe.

Ni twebwe UBU. Tubaye mu minsi aho ivyanditswe vyose vyanyuma biriko birashitswa imbere y’amaso yacu ; kandi turi igice c’Ivyo Vyanditswe.

Iriko Iragendagenda hagati muri twebwe. Ni iherezo ry’umusi ugira gatatu. Yaragaragaye maze Atwereka ikimenyetso c’ukuzuka kwiwe. Uko yari ari ejo , n’uyu munsi niko ari kandi niko azokwama ibihe bidashira. Turi ivyamwa bizima vy’ukubaho kwiwe. Yaragaragaye kandi Iratwiyereka twebwe twese, Ishengero ryiWe.

MBEGA ABIKORA GUTE ?

Umuhanuzi yakuwe muri Iy’isi, ariko Mpwemu Yera ari kuri bande, kandi ariko agendagenda mu mahanga yose no kw’isi hose. NI IVUGABUTUMWA RIZIMA RY’UMWAMI YESU KRISTO. Ariko arakoraniriza hamwe Umugeni wiWe kubwo ikintu kimwe gishoboka, kandi kizoba : Ijambo ryiWe. IjwiryiWe. GUFYONDA UKUVUZA !

Uyu munsi, iki Canditswe , kirashitse.

Ni Giti-Mukwe kivuye mw’itongo rya Edeni. Ariko Igiti-Mukwe ntigishobora kubaho hatabayeho ikigore, ntigishobora kwama icamwa ; Irafise Igiti-Mugeni. Ni MWEBWE. Mwavyawe n’ikintu kimwe. Ijambo ryihaye umubiri muri MWEBWE. Bwa Bugingo nyene bwari mu Mukwe ubu buri muri MWEBWE.

Umugeni arasemerera : Haleluya, Amen, Imana Ishimwe !!

Ni ibiki Idufitiye mu bubiko ubukurikira?

Impamvu y’iki gihe ciharije nuko twotegerejwe… Ku mutima wanje Mpwemu Yera yashizemwo iki ciyumviro c’ukugabishwa, yuko , “ Ishengero muri iki gihe canyuma ryoronse Ubu Butumwa.” Kuko, ndizera yuko ubwo ari Ubutumwa buhambaye bwa Bibiliya, kuko buhishura Kristo mw’Ishengero ryiWe muri iki gihe.

Rero, Umugeni azoba akoraniye hamwe kuri uwu w’iyinga isaha zitandatu kw’isaha ya Jeffersonville,(Hakazoba ari isaha icumi na zibiri z’umugoroba mu burundi ) mu gihe tuzokwumviriza : Uguhishura kwa Yesu Kristo 60-1204M.

Nipfuje kubatera intege gusoma no kwumviriza, buri ndwi mu Gitabu c’Ibihe ndwi vy’Ishengero, igice tuzoba twumvise buri w’iyinga. Tuzoshira audio y’icongereza ku rubuga rwa Lifeline no kuri Voice Radio buri munsi ku mwanya utandukanye, Ariko mwiyumve amahoro gusoma, kwumviriza no kuvyiga indwi yose buri gihe ico ari co cose.

Reka duhimbarwe kandi tunezerwe. Ntimwiteho iyi Si n’icaha hamwe n’ukwihebura bidukikuje. Reka twigine ivyo Yama Idukorera vyose buri munsi.

Mu gihe ca Mose, ndazi neza yuko abantu baguma babaza Mose bati, “ Tuzova muri kino kibanza ryari? Tuzova hano ryari?”

Ndashobora kwumva gusa Mose ahumuriza abantu maze avuga ati,

“ Igihe Imana yiteguye. Ariko ubu, nimunezerererwe ivyo Iriko Irabakorera.”

Mwoba mufise ibikere mu nzu yanyu? Oya.
Mwoba mufise inzige zirya ibiterwa vyanyu? Oya
Mwoba mufise amazi avanze n’amaraso yokunywa? Oya. Munywa ku mazi y’umusarara y’iriba rya arutwaze. Nimwicare gusa hanyuma munezerererwe ivyo Iriko irabakorera vyose n’ivyo Iriko Irabahishurira.

Kuri bo ni urupfu, uguhona n’urubanza. Ariko kuri mwebwe, ibi ni ibihe bahambaye kw’isi. Nimugire uguhimbarwa , amahoro n’umunezero. Nimushime gusa Umwami kuvyo ariko arakora vyose, hanyuma murindirane igishika kuvyo Agiye kuzokora ubukurikira.

MweneData Joseph Branham