All posts by admin5

20-0816 Kuba Ahantu kw’Imana Kutamenywe

Ubutumwa: 64-0618 Ukuba Ahantu kw Imana Kutamenywe

Kuvoma Ubutumwa

Ibimenyeshejwe Ibimenyeshejwe ku bijanye n’ugusobanura mu zindi ndimi bikorerwa muri Branham Tabernacle

Inkukuma Zirakoranira Hamwe

Bakundwa BeneData na Bashiki bacu,

Imana Idufashije, hamwe n’Ijambo RyaYo, kandi twisunze Ijambo RyaYo, Umuhanuzi w’Imana Yazanye Yesu Kristo neza ng’aha imbere yacu mu gufyonda tukavuza. Ku Mugeni wiWe, ni Yesu Kristo ukwo Yari Ari ejo, n’uyu munsi no kwo Ari, no mu bihe bidashira.

Abandi bafise amaso, ariko ntibashobora kubona, ntibashobora no kwizera. Bumva umenga dusenga umuntu, Ariko dusenga Imana Ihishijwe mu muntu waYo Yitoranirije. Kuri twebwe, ni Imana Ihambaye Iriko Irahishurwa imbere yacu nk’uko Yasezeranye ko Izobikora mw’Ijambo RyaYo.

Yesu Yababwiye Ati, “Sesa mu Vyanditswe,” kugira ngo bamenye igihe babamwo. Aho ni ho bari kubona ko Yariko Arashitsa Ijambo Ryose Ryari Rimwanditseko.

Ubugira kandi, muri iki gihe cacu, Yatubwiye Ati, “Sesa mu Vyanditswe,” soma Malaki 4, Ivyahishuriwe Yohana 10:7, Luka 17:30, na Uwera Yohana 16:30 kuko hatangaza neza Uwo Nari We n’Uwo Ndi We muri iki gihe. Twarasomye mu Vyanditswe kandi twizera ko umuhanuzi waYo yashikije buri Jambo. Ni Imana Yihisha Yo nyene, hanyuma Ikihishura Yo nyene ku bantu bazoYizera.

Uno munsi, inyuma y’imyaka ibihumbi bibiri, tubona Wa Yesu Kristo nyene mu nkomezi z’ukuzuka kwiWe, Ahagaze muri twebwe, Akora ibintu Yakoze kirya gihe kandi Yasezeranye gukora mu gihe cacu : Umwana W’Umuntu Aba mu mubiri Ahishurira Umugeni wiWe Ijambo RyiWe.

Mbega akaryo dufise muri iki gihe, guhagarara mu Nyonga Ziwe nk’uko babigize kirya gihe. Kandi n’aho biri uko, kubera ivyiyumviro vya benshi, baVyigiza hirya kubera yuko batamenya Inyonga ZiWe, ivyo Yasezeranye gukora muri iki gihe.

Murashobora kwiyumvira kutagira akaryo mufise ko kwumviriza Rirya Jwi mw’Ishengero ryanyu? Umuntu ababwira nk’uko babwiye Umwamikazi w’i Sheba bati, “Ubu, mwana wanje, ntushaka kwivanga na barya bantu, ntidukorana n’urya muvyuro mu kuvuza amabande mw’ishengero, ntiwari ukwiye kuja hariya. Ivyo n’ibintu vy’ubuyobe. Barya bantu bavuga ko bizera BURI JAMBO riri kuri ayo mabande, ni Icishimikizo ntayegayezwa cabo. Iyo haba hari ikintu nk’ico kiriko kiraba, cobaye aha nyene mw’ishengero ryacu hamwe n’igikorwa c’Imana.”

Imana, mu gihe ico ari co cose, igihe Yarungika Ubutumwa bwaYo, ariBwo Bwari Ijambo RyaYo, kandi IkaRigaragariza muri ico gihe; abantu baBwizera, cari igihe gihambaye kuri bo; abantu bataBwizera, baja mu kajagari. N’uko vyamye.

Twaramenye kandi twarizeye ko Imana Yo mw’Ijuru Yatwiyeretse mu buryo bw’Ijambo RyaYo. Ni Ijambo Ryasezeraniwe iki gihe Ryagaragajwe. Si Ijambo Ryasezeraniwe igihe ca Mose, canke ikindi gihe ico ari co cose, Ijambo Ryasezeraniwe iki gihe. Ni Ibintu Bishika Muri Iki Gihe Bisigurwa n’Ubuvugishwa, bitubwira ko Uburongozi bwacu ari Kristo Yagaragajwe Mu Bihe Vyose, arikwo Kuba Ahantu kw’Imana Kutamenywe.

Ubuvugishwa bwarashikijwe. Uburongozi bwiWe Bwarahishuwe. We nyene Yarimenyekanishije kuri twebwe mu gihe cacu. Ku munsi w’iyinga isaha indwi zo ku muhingamo mu masaha y’i Jeffersonville tuzokoranira hamwe maze twumvirize Ijambo aho Atubwira Ati : Kuba Ahantu kw’Imana kutamenywe 64-0618.

MweneSo Joseph Branham

Ibisomwa vyo gusoma imbere yo kwumviriza Ubutumwa

Uwera Matayo 12:38-42

Luka 17:28-32

Gusubira mu vyagezwe 18:15

20-0812 Inkukuma Zirakoranira Hamwe

Bakundwa Mwagaragajwe,

Nk’uko Filipo yagize umwete kubw’ukubona ukugaragazwa kwo Gusubira mu vyagezwe 18:15 gushitswa mu gihe ciwe, ni kwo natwe tugira umwete kubw’ukwumva ukugaragazwa gutunganye kwa Malaki 4:5, Luka 17:30 n’Ivyahishuriwe Yohana 10:7 mu gihe cacu.

Ntidushaka gufata umwanya ngo tuyage ivy’ihindagurika ry’ibihe, ibiba mw’isi, ivyo kunonora imitsi canke ibindi bintu : ubu Butumwa burihutirwa rwose. Imitima yacu iragurugumba muri twebwe. Dushaka kubwira isi nk’uko yabikoze, “Ingo, urabe Uwo twabonye, Yesu, Ashitsa Ijambo RyiWe nk’uko Yasezeranije ko Azobikora, Umwana W’Umuntu Yihishura biciye mu ntumwa yiWe yatoranijwe, Ahamagarira Umugeni wiWe gusohoka.”

Kristo Yagaragajwe mu bihe vyose ko We ARI Yesu Kristo ukwo Yari Ari ejo, n’uyu munsi ni kwo Ari, no mu bihe bidashira. Yavuze mw’Ijambo RyiWe ko hazoba umugwi kanaka w’Abantu muri iki gihe ca nyuma uzoba watoranijwe ngo uMubone kandi uMwizere. Turi uwo mugwi. TuMubona Agaragajwe muri Mose, tuMubona Agaragajwe muri Eliya, tuMubona Agaragajwe muri Yesu, tuMubona Agaragajwe mu muhanuzi wiWe, William Marrion Branham, none ubu tuMubona Agaragajwe muri TWEBWE, UMUGENI WIWE YAGARAGAJWE KANDI YATORANIJWE.

Reka tuMuzirikane umunsi wose tuMushimira kandi tuMutazira kubw’ivyo Yadukoreye vyose. Kubw’Agakiza : Ivyo Yakoze i Kaluvariyo. Guhishurwa : ivyo Yaduhishuriye muri iki gihe. Ukugaragazwa : Atwereka ko TURI Umugeni wiWe. Ukwerekanwa : kubona Ijambo Ryiwe Riba muri twebwe.

MweneSo Joseph Branham

20-0809 Kristo Yagaragajwe Mu Bihe Vyose

Ubutumwa: 64-0617 Kristo Yagaragajwe Mu Bihe Vyose

Kuvoma Ubutumwa

Ibimenyeshejwe Ibimenyeshejwe ku bijanye n’ugusobanura mu zindi ndimi bikorerwa muri Branham Tabernacle

Inkukuma Zirakoranira Hamwe

Bakundwa Bahungu n’Abakobwa b’Imana,

Ubwa mbere na mbere Jambo Yariho, kandi uwo Jambo Yari Imana, kandi uwo Jambo Yihayeumubiri, Abana natwe. Ni Yesu Kristo uko Yari Ari ejo, n’uyu musi ni kwo Akiri, ni kwo Azokwama ibihe bidashira.

Ese ivyizigiro bihezagiwe dufise vy’uko Data Yaduhaye uguhishurwa kwiWe ubwiWe muri iki gihe cacu. Imana Ihindura ishusho yaYo, En morphe, kandi uyu munsi n’Imana Yihaye umubiri, Ubutumwa bw’igihe, Umuco w’igihe cacu.

Kandi muri iki gihe canyuma, Avugana n’abantu Aciye mu Mwana wiWe, Kristo Yesu, Yimenyekanisha. Rero Kristo n’iki? Ijambo. Ijambo Ry’iki, ijambo rya Mose? Ego, ariko uyu munsi ni Ijambo Ryagaragajwe kubw’iki gihe.

Mutegerezwa kuMubona kandi mukaMumenya nk’Ijambo Ryagaragajwe kubw’igihe cacu. Mutegerezwa kuza inyuma y’igihuzu, mukabona Imana Yahishuwe, atari umuntu, ariko Imana Yihishije kandi Ikavuga iciye mu muntu.

Rero, umuntu ubwiwe si we yari Imana, nk’uko umubiri wa Kristo utari Imana. Yari umuntu, kandi Imana yari Yihishije muri We. Imana Yamye Yihisha kure y’abantu, kandi Ikihishurira abantu bari kuYizera.

Mutegerezwa ubwambere kwizera kandi mukaMumenya ko Yihishije mu mubiri nk’Umukiza wanyu. Rero mutegerezwa kwizera kandi mukaMumenya nk’Umwana w’Umuntu Yihishije mu mubiri, ahamagara Umugeni wiWe. Ni Jambo Yihaye umubiri ubugira kandi.

Turizera kandi twaraMumenye i Kaluvariyo. Turizera kandi twaraMumenye nk’Umwana w’Umuntu W’igihe cacu. Kandi kubw’ivyo, twararonse impera.

“AbaMwakiriye bose, Yabahaye ububasha bwo gucika abana b’Imana.” Kandi n’uko biri muri iki gihe, aho tubona Uyu Mpwemu Yera Ahambaye Agenda Agaragazwa. “AbaMwakiriye bose, Yabahaye ububasha bwo gucika abahungu n’abakobwa b’Imana.” Yesu Kristo Yiyerekanye
Adahinduka, kubw’Ijambo ryiWe, muri buri runganwe.

Ubu, ubugira kandi, Ijambo ryaKiriye umubiri kandi Ririhisha inyuma y’urukoba rw’umuntu. Twaragizwe abahungu n’abakobwa biWe. Integuro yiWe ihambaye iriko iragaragazwa. Turi Umugeni Jambo wiWe ahishijwe mu mubiri.

Twaravuye inyuma y’insato z’ibikoko vyitwa tahashi, maze tuza mu nyonga z’Imana. Rero Ijambo Ryahindutse ubuzima nyabwo kuri twebwe. Ubu Ijambo Ryabaye ibintu biboneka kuri twebwe, dukikijwe n’Ubwiza bwa Shekina, dufungura imitsima y’ibiterekerwa yateguriwe abizera b’ukuri gusa. Turi abaherezi, ubuherezi cami, ihanga ryera, abantu badasanzwe, duha Imana ibimazi vya Mpwemu, turi UMUGENI wiWe.

Data, ese ukuntu dushima kuba twaraKumenye kuva kw’itanguriro gushika kw’iherezo, Yesu Kristo uko Yari Ari ejo, n’uyu musi ni kwo Akiri, ni kwo Azokwama ibihe bidashira. Ubu Uriko Urakoraniriza hamwe Umugeni waWe ava mu mpande zose z’isi kugira ngo Utubwire uwo WARI, uwo URI, ubu naho abo TURI.

Imitima yacu ize inezerwe mu gihe Azovugana natwe kandi Akatwihishurira ku munsi w’iyinga isaha indwi zo ku muhingamo, mu masaha y’i Jeffersonville, hanyuma Akatubwira yuko Ari : Kristo
Yiyerekanye mu Bihe Vyose 64-0617

MweneSo Joseph Branham

Ivyanditswe vyo gusoma imbere yo kwumviriza Ubutumwa
Gusubira mu vyagezwe 18:15
Zekariya 14:6
Malaki 3:1-6
Uwera Luka 17:28-30
Uwera Yohana 1:1 / 4:1-30 / 8:57-58 / 10:32-39
Abaheburayo 1:1 / 4:12 / 13:8
Ivyahishuriwe Yohana 22:19

20-0805 Inkukuma Zikoranira Hamwe

BeneData na Bashiki Bacu,

Ese ukuntu imitima yacu yari yuzuye umunezero mu gihe Yavugana natwe ku munsi w’iyinga Atubwira Ati, Twatoranirijwe Ubugingo Budashira.

Mu gihe abandi bafise amaso, ariko ntibashobore kuBibona, amatwi ariko ntibashobore kuVyumva, twaratoranijwe kugira ngo turonke Ugushishurwa kwa Yeu Kristo mu gihe cacu. Twaremeye Uburongozi nyabwo bw’Imana, Ijambo RyaYo, Ubu Butumwa, Umuntu Yesu Kristo,
Mpwemu Yera WiWe, vyose bikaba ari bimwe.

Yesu Yavuze Ati : “Ingo, unkurikire.”

Paulo yavuze ati : “ni munyigane, nk’uko nanje nigana Kristo.”

MweneData Branham yavuze ati : “Ndazi yuko mwebwe, beneData, musa n’abandaba nk’icishimikizo ntayegayezwa ca… mu gihe nigana Imana nk’uko Paulo yavuze mu vyanditswe, “ni munyigane, nk’uko nigana Kristo.”

Paulo ntiyariko agerageza gufata ikibanza ca Kristo, na MweneData Branham nawe n’uko, kandi natwe n’uko, ariko ni Uguhishurwa kwa Yesu Kristo mu gihe cacu, ariyo nzira yateguwe n’Imana, kandi twatoranirijwe kuronka uko Guhishurwa.

Ese ukuntu dufise ishimwe kubw’uko guhishurwa. Yamye Atumenyereza ubugira kandi ko dukwiye kuMuhimbaza, kuMutazira, no kugirana ibikorane vy’amasengesho na We buri munsi,
umunsi wose.

MweneSo Joseph Branham

20-0802 Uburongozi

Ubutumwa: 65-1207 Uburongozi

Kuvoma Ubutumwa

Ibimenyeshejwe Ibimenyeshejwe ku bijanye n’ugusobanura mu zindi ndimi bikorerwa muri Branham Tabernacle

Inkukuma Zirakoranira Hamwe

Bakundwa Bantu b’Amabande,

Tuba mu gihe gitera akanyamuneza cane. Nk’uko Yabisezeranye mw’Ijambo RyaYo, ibanga ryarerekanywe maze rihishurirwa akarwi kanaka k’abantu. Ukugaragara kwuzuye kw’Umuntu Yesu Kristo kwaragaragajwe mu mubiri ku Mugeni wiWe.

Ibintu bishika muri iki gihe tubona bigaragara uno munsi twabisiguriwe n’ubuvugishwa. Ivyanditswe biriko birashitswa buri munsi. Ibintu bishika vyavuzwe muri Bibiliya biriko birabera imbere y’amaso yacu. Ubu tuba mu Gihe c’Umugeni.

Turi Urubuto rw’Imana rwatoranirijwe Ubugingo Budashira. Atwita “Umupfasoni WiWe Yatoranijwe,” “Umugeni WiWe.” Kubera iki ? Kuko turi Ijambo Ry’Imana Rigeretse kw’Ijambo. Nta mwambiro dufise muri twebwe, Ijambo Ry’Ukuri Ritanduye Ry’igihe gusa, Ubu Butumwa
twabwiwe n’umuhanuzi wiWe.

Hari ikintu kimwe gusa gishobora gushira Ishengero mu Mugeni hanyuma kikaMuha UKWIZERA kw’izamurwa gukenewe : Malaki 4. Ijwi Ry’Imana Ryavugiwe mu ntumwa yaYo.

Muri buri gihe Imana Yama Ifise inzira yateguwe. NtiYigera Ihindura urutonde rwaYo canke uburyo Ikora ibintu, kuko uko Yari ejo niko Iri n’ubu no mu bihe bidashira. Imana Yamye Irungika umuhanuzi ngo arongore abantu. Kandi muri iki gihe Yarungitse umuhanuzi aruta abandi bo mu bihe vyose, William Marrion Branham, ngo arongore Umugeni WiWe.

Hariho abandi bakozi b’Imana bahambaye mu gihe Paulo yandika Bibiliya, ariko Paulo yategetse iki umugeni mu gihe ciwe, MUNYIGANE NK’UKO NANJE NIGANA KRISTO.

Muri buri gihe ishengero rirananirwa maze rikagwa mu kajagari. Bava kw’Ijambo Ry’Ukuri bakongerako insiguro zabo. Vyarasezeranywe mw’Ijambo ko impwemu ya Datani na Kora yari kwongera kuboneka muri iki gihe maze igasubira kuvuga ivyo yavuze kirya gihe iti, “ntabwo ari wewe wenyene wera, natwe turera, Mpwemu Yera Araturongora.” Umwami Yabwiye Mose, itandukanye nabo. Mbega yatubwiye iki ku munsi w’iyinga ?

Bose muri bo bariye bimwe, bose batamvye muri Mpwemu, ibintu vyabo vyose babishira hamwe; ariko bageze ku gihe c’ukwitandukanya, Ijambo niryo Ryabatandukanije. N’ubu niko biri! Ijambo niryo Ryatandukanije.

Ijambo Ririko Rirakora nk’ivyo nyene muri iki gihe. Iki nico gihe conyene Yesu Yahagaraye ku rugi Aradodora kuko Yari Yugaraniwe hanze. Hari inzira imwe yo KUBA UDAKEKERANYA : kwugurura urugi TukaMureka ngo Yinjire mu kugumana Ijambo Ry’Inkomoko. Gukurikira intumwa y’igihe cacu yemejwe kandi yagaragajwe.

Ese ukuntu inkuru y’urya mutunzi w’umutware akiri muto ari ikigereranyo c’ibiba muri iki gihe. Abafarisayo n’Abasadukayo ntibari kuza kuri Yesu, bashaka kuMwica, ariko uyu musore yari azi ko adafise ibisabwa kugira ngo aronke Ubugingo Budashira. Yari azi neza ko akeneye kuja kuri Yesu kugira ngo aronke inyishu NYAYO, ntiyagiye ku muherezi wiwe, canke uwundi mukozi w’Imana, ariko yagiye kuri Yesu gusa.

Igihe yegera Yesu, Yaramukunze, kuko yari yarerewe mu rugo rw’Abakristo, yakurikije ivyagezwe vy’Imana vyose, kandi yari yigishijwe gukunda Ijambo. Yesu Yamubwiye ko hari inzira IMWE GUSA yo kuronka Ubugingo Budashira : heba vyose, amahera yawe, ubwibone bwawe, maze uMukurikire. Gusa kuri we vyari birenze. Abarongozi yari yarasonse mu buto bwiwe bari baramwandukije ku buryo yanse kwemera inzira yonyene yateguwe n’Imana.

N’ubu niko biri, mutegerezwa gukurikira inzira yonyene yateguwe n’Imana kugira ngo mwakire Ubugingo Budashira.

Mushobora kuvuga muti, “Mfise Mpwemu Yera Andongora.” Ivyo ni vyo, mutegrezwa gukurikira Mpwemu Yera mu buzima bwanyu, ariko umuhanuzi yavuze ati :

Benshi muri mwebwe mwiyumvira muti, “Naronse umubatizo wa Mpwemu Yera, ndiko ndaja mw’Ijuru.” Ivyo ntibivuga na gato ko muriko muja mw’Ijuru. Oya, Mugenzi. Mushobora kugira umubatizo wa Mpwemu Yera buri saha y’ubuzima bwanyu, yamara mukazimira mukaja
n’ikuzimu. Bibiliya niko ivuga.

Yavuze yuko mutegerezwa kumenya Umuntu Yesu Kristo mu gihe canyu.

Yesu, igihe Yaza, Yategerezwa kuba Umuhanuzi. Ivyo nivyo! Kandi Uno munsi, imbere yuko Yesu Agaruka, ukugaragara kwuzuye kw’Umuntu Yesu Kristo gutegerezwa kugaragara mu mubiri. Vyiyumvire!

Uriko ukurikira nde muri iki gihe ? Ni nde akurongora ? Kuri twebwe ni Umuntu Yesu Kristo, Ijwi Ry’Imana Rituvugisha Riciye mu ntumwa yaYo, ahamagarira Umugeni waYo gusohoka. Turamwigana, nk’uko nawe yigana Kristo. Kandi twarahishuriwe ko inzira yonyene yo kudakekeranya ko turi mu BUGOMBE BWIWE BUTUNGANYE kandi no kuMukurikira, n’ugufyonda tukavuza.

Ese ukuntu bizoba ari ibihe bidasanzwe ku Mugeni wiWe ku munsi w’iyinga aho tuzokoranira hamwe isaha indwi zo ku muhingamo mu masaha y’i Jeffersonville kugira ngo tube igice c’Ivyanditswe biriko birashitswa, mu gihe Data Avugana natwe kandi Akatubwira ko dufise
Uburongozi 65-1207 nyabwo : We Avugira mu muhanuzi wiWe, Atubwira ko Yegereje kuza kubwacu, Umugeni WiWe.

MweneSo Joseph Branham

Ivyanditswe vyo gusoma imbere yo kwumviriza Ubutumwa
Uwera Matayo 24:24
Uwera Mariko 10:17-22
Uwera Yohana 1:1 / 14:19
Abaheburayo 11:23-29
Ivyahishuriwe Yohana igice ca 22

20-0729 Inkukuma Zikoranira Hamwe

Mukundwa Rubuto Rw’Imana,

Nsaba ko mwoba mwaranezerejwe n’ibikorane vyacu vy’amasengesho vyo ku munsi wa gatatu aho tuvugana na We, tuMutazira, kandi tuMuhimbaza umunsi wose. Ese ukuntu vyatunezereje kuMubwira uko tuMukunda kubw’ivyo Yadukoreye vyose, hamwe n’ivyo Ariko Aradukorera mu kutubwira buri munsi Ati “Muri Umugeni waNje.”

Ndakunda ukuntu Yavuganye natwe ku munsi w’iyinga hanyuma Akatwemeza yuko : Imana Yishura amasengesho, mu gitondo, mw’ijoro, isaha zitandatu zo ku murango, isaha zitandatu zo mw’ijoro, canke igihe ico ari co cose.

Aho twoMutabariza hose, Ahora Ari kumwe natwe. Mbere Aratwegereye gusumba uko vyari igihe yari mu mubiri, aho Umwana WiWe Yesu Kristo Yari Aryamye Asinziriye inyuma y’ubwato Ari kumwe n’intumwa, hanyuma hakaza igihuhusi. Uno munsi, ni Muzima MURI UMWE UMWE WESE MURI TWEBWE. Kuko turi :

Ab’ukuri, bashizweho n’Imana, rurya rubuto rw’ukuri, karya karemangingo k’ukuri, ubugingo bw’Imana bwahoze mu Mana isi itararemwa; mwibuke, mwebwe mufise vy’ukuri Mpwemu W’Imana muri mwebwe kuri uyu mugoroba, mwahoze ng’aha muri Kristo kuko We Yari Ijambo Ryuzuye. Yari ukunengesera kwose kw’Ubumana mu buryo bw’umubiri. Imana Yari muri Kristo, Yiyuzuza n’abari mw’isi. Muravyemera? Raba, Yari muri Kristo. Rero asangwa mwahoze mu
Mana, urubuto, ijambo, kimwe mu biYigize kuva mw’itanguriro, rero mwagendanye na We kw’isi, mwavuganye na We kw’isi, mwababaranye na We kw’isi, mwapfanye na We i Kaluvariyo, hanyuma musubira kuzukana na We, none ubu mwicaye ahantu ho mw’Ijuru muri Kristo Yesu, mufatanije na We (Ijambo).

UBU twicaranye na We ahantu ho mw’ijuru, dufatanya na We umunsi wose. Twabaye IJAMBO, RIGERETSE KW’IJAMBO, RIGERETSE KW’IJAMBO.

Uno munsi tuza kugendana na We, tuvugane na We, maze tuMutazire UMUNSI WOSE aho Aza kuvugana natwe mu nzira. Reka twongere duhurire hamwe mu masengesho isaha zitandatu zo ku murango, isaha icenda zo ku muhingamo hamwe n’isaha zitandatu zo ku mugoroba mu
masaha y’i Jeffersonville, maze dusengeranire.

MweneSo Joseph Branham

20-0726 Ibintu Bishika Muri Iki Gihe Bisigurwa N Ubuvugishwa

Ubutumwa: 65-1206 Ibintu Bishika Muri Iki Gihe Bisigurwa N Ubuvugishwa

Kuvoma Ubutumwa

Ibimenyeshejwe Ibimenyeshejwe ku bijanye n’ugusobanura mu zindi ndimi bikorerwa muri Branham Tabernacle

Inkukuma Zirakoranira Hamwe

Bakundwa Nkukuma,

Mbega umunsi, mbega igihe tubayemwo. Ni ibihe vya Bibiliya ubugira kandi. Ivyanditswe biriko birashitswa muri twebwe no ku mpande zacu zose. Ibihe Umugeni yipfuje rwose kubamwo kuva igihe ca Adamu vyashitse.

Ubuvugishwa twasomye muma Bibiliya Yacu, ibintu twabwiwe n’umuhanuzi wiWe, bishika buri munsi, kandi turi mu bibigize. Turi mu mahoro mu gihe twicaye hamwe ahantu ho mw’ijuru, Ahari rirya Jambo, turiko turera kandi dukura. Ukugaragazwa kwuzuye kwemeza Yesu Kristo k’uko yar’ar’ejo, n’uyu munsi ni ko akiri, niko azokwama kuriko kurashika.

Twarahishuriwe ko Ijambo Ritarangiranye na Yesu. Ryari itanguriro gusa; hari hakiri vyinshi vya Yesu vyari kuza. Yari Yatanguje ugushumbushwa kw’Ishengero gusa. Yavuze Ati, Nzosubira kuza mu mubiri nk’uko Nabikoze kwa Aburahamu, kandi mbere Nzorushirizaho kubahishurira Ijambo. Rero, mu ntumbero yo kwakira Iryo Jambo, dutegerezwa kuronka Uguhishurwa kuva ku Mana kw’Uwo Yesu Kristo Ari We MU GIHE CACU.

Murabona, urutonde rwose – rwose, Ishengero Ryose, ryubakiye ku guhishurwa kuva ku Mana. Yesu Yavuze, muri Uwera Matayo, igice ca 16, Ati “Nta w’inyama n’amaraso yabiguhishuriye, ariko ni Data Wo mw’Ijuru Yabiguhishuriye.” Vyari ibiki ? Uguhishurwa kw’Uwo We Yari. “kandi kuri urwo rutare Nzorwubakako Ishengero Ryanje, kandi amarembo ’ikuzimu ntazorushobora.” Uguhishurwa kwa Yesu Kristo muri iki gihe, s’Uwo Yari We mu kindi gihe, Uwo Yari We ubu, Bibiliya Irabivuga, kuriko gukurira mu Mugeni, ku ruhagararo rwuzuye.

Nk’uko Yasezeranye ko Azobikora, Yaduhaye Uguhishurwa kwiWe bwite kw’ukuri kandi kwuzuye mu gihe cacu, kandi turiko dukurira mu Mugeni wiWe, mu gihagararo cuzuye.

Mbega twonatangura gutahura ibiriko biraba vyose ? Ubu Yarashikanye Integuro yaYo Ihambaye kw’iherezo, Irarangiye, Yarashumbushije Umugeni wiWe Yatoranijwe mu kumusubiza kw’Ijambo Ry’Inkomoko, none twabaye Ijambo Rigeretse kw’Ijambo Rigeretse kw’Ijambo.

Izamurwa Riregereje, Ishami Rishasha Ryaraserutse; turi ivyamwa vya mbere vyo ku bushorishori bw’igiti mu kwicara mu nyonga z’Umwana, Ijambo Ryavuzwe Ry’igihe cacu, kandi twariteguriye iyimbura.

Ese ukuntu twari dukwiriye kuMutazira! Ese ukuntu twari dukwiriye kuMuhimbaza buri munota wa buri saha y’umunsi. Yaduhishuriye ko turi agace k’ibiMugize, kimwe mu biMugize kuva mw’itanguriro. Twagendanye na We, twavuganye na We, twababaranye na We, twapfanye na We i Kaluvariyo, ariko kandi Twazukanye na We none ubu twicaranye na We ahantu ho mw’Ijuru, dufatanya na We mu gihe Atubwira ko turi Umugeni wiWe.

Nta rindi jambo na rimwe dushaka kuvangana. Ritegerezwa kuba Umutsima w’Imana utambiye, Ijambo Ry’Imana Ritanduye, Ari Ryo Butumwa bw’igihe. Dushaka kuRyumvira mu kanwa k’umuhanuzi wiWe yemejwe ata giciyemwo : Yesu Kristo We nyene Avuga Akoresheje akanwa k’umuntu. Si ijambo ry’umuntu, ni Ijambo Rizima Ry’Imana Rivugana n’Umugeni wiWe biciye mu muhanuzi wiWe. Ijuru n’isi bizorangira, ariko Ryo ntaco Rizoba.

Kuri twebwe ni Ubu Butumwa, aya mabande, Ijwi Ry’Imana… CANKE NTA KINDI.

Reka inkukuma zo kw’isi zizokoranire ku muvyimba uyu munsi w’iyinga isaha indwi zo ku murango mu masaha y’i Jeffersonville, kugira ngo ziMwumvirize Aduhishurira “Ibintu Bishika Muri Iki Gihe Bisigurwa n’Ubuvugishwa” 65-1206.

MweneSo Joseph Branham

Ivyanditswe vyo gusoma mbere yo kwumviriza Ubutumwa

Itanguriro 22

Gusubira mu vyagezwe 18:15

Zaburi 16:10 / 22:1 / 22:7-8 / 35:11

Yesaya 7:14 / 9:6 / 35:7 / 50:6 / 53:9 / 53:12 / 40:3

Amosi 3:7

Zekariya 11:12 / 13:7 / 14:7

Malaki 3:1 / 4:5-6

Uwera Matayo 4:4 / 24:24 / 11:1-19

Uwera Luka 17:22-30 / 24:13-27

Abaheburayo 13:8 / 1:1

Ivyahishuriwe Yohana 3:14-21 / 10:7

20-0722 Inkukuma zikoranira Hamwe

Mukundwa Mugeni,

Ukuza kw’Umwami kuriko kutubera nk’ibiboneka umunsi ku munsi. Turabona ubuvugishwa bushitwa ku mpande zacu zose. Iminsi yacu ng’aha iraharuye. Dukeneye kwegeranya ivyacu maze tukitegurira kirya kintu gihambaye kiri hafi gushika.

Ubu buzima busa n’ubwaheze, dutegerezwa kwitegurira kubandanya ubu buzima nyene, ariko mu yindi si, ahandi hantu Ariko Aradutegurira. Kubw’ivyo, dukwiye gusuzuma ubuzima bwacu buri munsi, dusemerera tuti, “Mana, Jana kure yanje ikintu cose kidasa naWe. Nkeba kuri iyi si
canke ku bintu vy’isi. Ndashaka kuba niteguriye Inzu yo mw’ijuru nshasha yanje Wagiye gutegura. Ndashaka kuba urya Mugeni Jambo Ugiye kuzira.”

Reka tuMwambaze umunsi wose maze tuMubwire tuti, “Mwami, Ntegura, Ntegurira ukuza kwaWe.” Ariko reka tugire n’ico dukoreye hamwe. Reka duhurire mu masengesho isaha zidantadu zo ku murango, isaha icenda zo ku murango hamwe n’isaha cumi na zibiri zo ku
mugoroba mu masaha y’i Jeffersonville, aho tuza gukoranira hamwe maze tuMurungikire umubavu umota neza mu kuMubwira tuti, “turaGukunda Data, kandi tumeze magabo turanarindiriye, twitegurira Ukuza kwaWe kwegereje.”

MweneSo Joseph Branham

20-0719 Ibintu Bitegerezwa Kuzobah

Ubutumwa: 65-1205 Ibintu Bitegerezwa Kuzobaho

Kuvoma Ubutumwa

Ibimenyeshejwe Ibimenyeshejwe ku bijanye n’ugusobanura mu zindi ndimi bikorerwa muri Branham Tabernacle

Inkukuma Zirakoranira Hamwe

Bakundwa Batunganijwe,
Turi mu gihe c’iherezo. Twarasubiye ku Ngano ubugira kandi, ku Rutete Rw’Inkomoko. Igishishwa caratuvuyeko, none ubu turi Imbere y’Umwana kugira ngo twere.

Umwana ni Ijambo RyiWe Ryahishuwe kubw’iki gihe : Ubu Butumwa. N’Ijambo Ryahishuwe mu gihe caRyo, kandi turi Imbere yaRyo, twera ku munsi ku munsi mu “gufyonda Tukavuza.”

Turi Ijambo kw’Ijambo Rizoserura igihagararo gikwiriye c’Umugeni w’Umwami Yesu Kristo. Ni uguhishurwa kw’ukugaragara kw’Ijambo,

Turazi ko Ijambo Ry’Umwami riza ku muhanuzi GUSA, kuko we ni icerekana Ijambo Ry’Imana. Ntaco ashobora kuvuga; ntashobora no kuvuga ivyiyumviro vyiwe. Ashobora kuvuga ico Imana Imuhishuriye gusa. Ni ivyiyumviro vy’Imana bivugwa biciye mu kanwa k’umuhanuzi waYo. Twarahishuriwe ko Ijwi Rya Malaki 4 ari Ijambo Ryagaragajwe mu gihe cacu, Rihamagara Umugeni.

Ni igiki kizokoraniriza Umugeni hamwe ?

Ubutumwa Buzokoraniriza Umugeni hamwe, murabona, ijwi rirenga.

Ijwi rirenga ryaravuze. Ririko rirakoraniriza hamwe Umugeni wiWe mu bice vyose vy’isi, rivuga riti, “twitegure twebwe nyene. Izamurwa Riregereje, gumana n’iryo Jambo.”

Kuko twagumanye na Rirya Jambo Yatubwiye ku munsi w’iyinga, “Narababonye hariya. Umurwi w’abera bose bambaye neza. Batekanye, basa neza, bagendagenda gutya, ku mudiho w’Ubutumwa Bwiza. Yari Ijambo.”

Nta w’inyama n’amaraso yaduhishuriye ibi, ariko ni Data Wo mw’Ijuru Yabiduhishuriye. NtiYaduhishuriye gusa uwo Yari We mu kindi gihe, Yaranaduhishuriye uwo Ari We ubu, Ijambo Ryihaye umubiri mu muhanuzi wiWe, Ijambo Ryihaye umubiri MURI TWEBWE.

Turiko turaja mu Bwami Butunganye, rero dutegerezwa kuba abantu batunganye, kuko twahawe umugabo atunganye ari We Mwana w’Imana, rero dutegerezwa kuba Umugeni Atunganye. None twobikora gute tubicishije mu kindi kintu atari Ijambo Ry’Imana Ritunganye,
UBU BUTUMWA ?

Ubu Butumwa bwabikiwe kandi bwateguriwe iki gihe nyene, uyu munsi nyene. Imbere y’uko isi ibaho Yari Azi ko twari kuba turiko turumviriza ubu Butumwa ku munsi w’iyinga, aho Atuvugisha Aciye mu ntumwa yiWe kugira ngo Atubwire uko bizoba bimeze Hariya.

Yagiye kudutegurira vyose imbere y’uko tuhashika. Ariko Arabitunganya neza uko tubikunda. Hazoba ari ahantu nyaho, aho tuzokora ibintu, aho tuzoba, aho tuzokora. Tuzohanezerererwa.Tugiye mu Buzima, Ubuzima Budashira bw’ukuri. Turiko turaja mw’Ijuru, mw’iparadiso… Amashimwe!

Ntakizodutangira ngo ntitube hariya. Vyarahishuwe, turi Umugeni wiWe, turi Ijambo Ryihaye umubiri, Izamurwa Riregereje, Ariko Aratwubakira Ubwami kugira ngo tuzomarane Ibihe Bidashira na We hamwe n’umwe umwe wese.

Yahisemwo umuhanuzi wiWe imbere y’itanguriro ry’ibihe kugira ngo atubwire ivyo vyose vyerekeye, Ibintu Bizobaho 65-1205.

Reka Umugeni wiWe Azokoranire hamwe uyu munsi w’iyinga isaha indwi yo kumurango mu masaha y’i Jeffersonville, kugira ngo twumvirize Imana Ivuga biciye mu kanwa k’umuntu, aho Abwira Umugeni wiWe uwo ari we, ivyerekeye aho turiko turaja, n’uko bizoba bimeze nitwahashika.

MweneSo Joseph Branham

20-0715 Inkukuma Zirakoranira Hamwe

Bakundwa Batsindanishirijwe,

Asangwa ufise Ubugingo Budashira, wari a… mu Mana isi itaranabaho. Wari igice, Umwana w’Imana, kimwe mu bigize Imana. Yari Izi igihe kanaka wari kubamwo. Yagutoranirije ico gihe, gufata kirya kibanza, kandi ntawundi yogifata; naho hoba abigana canke ibindi. Utegerezwa kuba hariya, kuko Yari Izi ko wobaye hariya. Ubu waragaragajwe. Ubu ushobora gufatanya na We, kandi ivyo nivyo Ashaka. Yipfuza rwose ugufatanya, guhimbazwa.

Ese ukuntu turi abantu bagiriwwe ibakwe. Yaduhaye Ubugingo Budashira, none ubu Yaratugaragaje kugira ngo dufatanye na We. Kwiyumvira yuko, Yipfuza rwose gufatanya natwe no guhimbazwa n’umwe wese muri twebwe. “Data, mbega twokwatura gute n’indimi zacu z’abantu uko tuGukunda kandi tuGushimira?”

Nk’uko twabikoze mu ndwi iheze, ntituze gukoranira hamwe ku mugoroba mu bikorane vy’amasengesho gusa, ariko reka tugire igikorane c’amasengesho umunsi wose, dufatanya kandi duhimbaza na Data. Turaza kuyaga na We hanyuma tuMuvugishe umunsi wose nk’Umugenzi.

Akazi ntikadutangira. Abana ntibadutangira. Ivyo twoba dufise vyo gukora vyose uno munsi ntibidutangira ; tuza kugira yubile tuMuhimbaza kandi dufatanya na We umunsi wose, mbega umunsi uhambaye umwe wese ahava agira.

Mutegure amakaramu yanyu atukura kugira muze kwandika mu makaye yanyu.

MweneSo Joseph Branham