Ingaburo Yera

Mukunzi Mugeni Wa Jesu Kristo
Umwami Yadusigiye amabwirizwa 3 yonyene yo mu buryo bw’umubiri yo gukora nk’abaKristo : Umubatizo, Kwozanya Ibirenge, n’Ingaburo Yera.
Ingaburo Yera ni uguhangana ku wizera kandi ryotegerejwe gufatwa gusa n’ababatijwe mw’Izina Rya Yesu Kristo, kandi babayeho ubuzima bujanye n’umuKristo.

Mu kiringo c’amezi menshi ubu, nagize umutwaro muniniya ku mutima wanje kubwacu wo kugira igikorane c’Ingaburo Yera. Ubu umwaka urarenga duhuriye ku Meza y’Umwami kandi tugize Ukwozanya Ibirenge. Mu gihe mvugana n’abizera benshi, bose bavuga co kimwe bati, « Nipfuza ko twofata Ingaburo Yera.”

Mu gihe nari ndi mu masengesho, Umwami Yanshize ku mutima uburyo twese twoshobora kuba hamwe kandi tugira igikorane c’Ingaburo Yera mu mazu yacu. Mu kwezi kwa mukakaro kw’umwaka wa 1964, mweneData yitwa Gagnon yandikiye mweneData Branham, amubaza namba vyomubera vyiza kutanga Ingaburo Yera mu nzu yiwe, mu gihe atari umukozi w’Imana. MweneData Brahnam yamwishuye kandi yamubwiye ati, « ego, uyifate, ntutegerezwa kuba umukozi w’Imana kugira ngo ukore ivyo. »

Ndakengurukira cane Umwami ko Yataze uburyo ku Mugeni Wa Kristo bwo kugira vyompi Ingaburo Yera n’Ukwozanya Ibirenge mu mazu yacu hamwe n’imiryango yacu. Vyongeye n’umuhezagiro udasanzwe cane ko hazoba haheze imyaka 56 ku munsi mweneData Braham yagira iki gikorane c’Ingaburo Yera.

Ijwi ryafashwe tuzoba dukoresha ku Butumwa Bwacu Bwo kuw’iyinga rizoba ryabonetse kuri Voice Radio, ku rubuga rwa Branham Tabernacle, kandi bwo kuvomwa. Ubu bubiko burimwo Ubutumwa Bwose, Ingaburo Yera, Bwavuzwe kw’igenekerezo rya 12 kigarama umwaka wa 1965, HONGEYEKO agace ko kwuzuza igikorane cacu c’Ingaburo Yera yo Muhira.

Tuzoba dukurikiza uburyo bumwe nk’igihe dufata Ingaburo Yera muri Branham Tabernacle. MweneData Branham azotubwira Ubutumwa, Ingaburo Yera. Igikorane giheze, azosengera umukate n’umuvinyu, hanyuma tuzogira iminota 10 yo kurindira havuga umuziki w’i piyano ku buryo tuzoronka igihe gihagije co gutanga Ingaburo Yera mu nzu zacu. Igikurikira umuziki wa piyano, mweneData Branham azosoma Ivyanditswe vy’igikorwa co Kwozanya Ibirenge, kandi rero tuzogira iyindi minota 10 yo kurindira y’umuziki wo Kwozanya Ibirenge.

Nobagira inama yo kugira umuvinyu n’umukate w’Ingaburo yera, biri ng’aho kw’isahani imbere y’igikorane, mu gihe hatazobaho uguhagarika kuva ibande itanguye, gushika ibikorane vy’Ingaburo Yera no Kwozanya Ibirenge biheze.
Tuzotanga umuvinyo n’udukombe dutoya twa plasitike kw’ikoraniro ryacu ryo ng’aha ryonyene. Amakuru y’ahantu mushobora kugura umuvinyu Kosher, n’ukuntu bakora Umukate w’Ingaburo Yera n’iyindi nkuru y’ingira kamaro murabironka mu makuru akurikira.

Nk’umwe wese muri mwebwe, ndi n’igishika cinshi co kwumviririza hamwe uru rukurikirane rugiye kuza rw’Ubutumwa, n’igikorane giheraheza vyose, kugira Ingaburo Yera n’Ukwozanya Ibirenge birongowe n’umuhanuzi w’Imana.

MweneData Joseph Branham.