20-0719 Ibintu Bitegerezwa Kuzobah

Ubutumwa: 65-1205 Ibintu Bitegerezwa Kuzobaho

Kuvoma Ubutumwa

Ibimenyeshejwe Ibimenyeshejwe ku bijanye n’ugusobanura mu zindi ndimi bikorerwa muri Branham Tabernacle

Inkukuma Zirakoranira Hamwe

Bakundwa Batunganijwe,
Turi mu gihe c’iherezo. Twarasubiye ku Ngano ubugira kandi, ku Rutete Rw’Inkomoko. Igishishwa caratuvuyeko, none ubu turi Imbere y’Umwana kugira ngo twere.

Umwana ni Ijambo RyiWe Ryahishuwe kubw’iki gihe : Ubu Butumwa. N’Ijambo Ryahishuwe mu gihe caRyo, kandi turi Imbere yaRyo, twera ku munsi ku munsi mu “gufyonda Tukavuza.”

Turi Ijambo kw’Ijambo Rizoserura igihagararo gikwiriye c’Umugeni w’Umwami Yesu Kristo. Ni uguhishurwa kw’ukugaragara kw’Ijambo,

Turazi ko Ijambo Ry’Umwami riza ku muhanuzi GUSA, kuko we ni icerekana Ijambo Ry’Imana. Ntaco ashobora kuvuga; ntashobora no kuvuga ivyiyumviro vyiwe. Ashobora kuvuga ico Imana Imuhishuriye gusa. Ni ivyiyumviro vy’Imana bivugwa biciye mu kanwa k’umuhanuzi waYo. Twarahishuriwe ko Ijwi Rya Malaki 4 ari Ijambo Ryagaragajwe mu gihe cacu, Rihamagara Umugeni.

Ni igiki kizokoraniriza Umugeni hamwe ?

Ubutumwa Buzokoraniriza Umugeni hamwe, murabona, ijwi rirenga.

Ijwi rirenga ryaravuze. Ririko rirakoraniriza hamwe Umugeni wiWe mu bice vyose vy’isi, rivuga riti, “twitegure twebwe nyene. Izamurwa Riregereje, gumana n’iryo Jambo.”

Kuko twagumanye na Rirya Jambo Yatubwiye ku munsi w’iyinga, “Narababonye hariya. Umurwi w’abera bose bambaye neza. Batekanye, basa neza, bagendagenda gutya, ku mudiho w’Ubutumwa Bwiza. Yari Ijambo.”

Nta w’inyama n’amaraso yaduhishuriye ibi, ariko ni Data Wo mw’Ijuru Yabiduhishuriye. NtiYaduhishuriye gusa uwo Yari We mu kindi gihe, Yaranaduhishuriye uwo Ari We ubu, Ijambo Ryihaye umubiri mu muhanuzi wiWe, Ijambo Ryihaye umubiri MURI TWEBWE.

Turiko turaja mu Bwami Butunganye, rero dutegerezwa kuba abantu batunganye, kuko twahawe umugabo atunganye ari We Mwana w’Imana, rero dutegerezwa kuba Umugeni Atunganye. None twobikora gute tubicishije mu kindi kintu atari Ijambo Ry’Imana Ritunganye,
UBU BUTUMWA ?

Ubu Butumwa bwabikiwe kandi bwateguriwe iki gihe nyene, uyu munsi nyene. Imbere y’uko isi ibaho Yari Azi ko twari kuba turiko turumviriza ubu Butumwa ku munsi w’iyinga, aho Atuvugisha Aciye mu ntumwa yiWe kugira ngo Atubwire uko bizoba bimeze Hariya.

Yagiye kudutegurira vyose imbere y’uko tuhashika. Ariko Arabitunganya neza uko tubikunda. Hazoba ari ahantu nyaho, aho tuzokora ibintu, aho tuzoba, aho tuzokora. Tuzohanezerererwa.Tugiye mu Buzima, Ubuzima Budashira bw’ukuri. Turiko turaja mw’Ijuru, mw’iparadiso… Amashimwe!

Ntakizodutangira ngo ntitube hariya. Vyarahishuwe, turi Umugeni wiWe, turi Ijambo Ryihaye umubiri, Izamurwa Riregereje, Ariko Aratwubakira Ubwami kugira ngo tuzomarane Ibihe Bidashira na We hamwe n’umwe umwe wese.

Yahisemwo umuhanuzi wiWe imbere y’itanguriro ry’ibihe kugira ngo atubwire ivyo vyose vyerekeye, Ibintu Bizobaho 65-1205.

Reka Umugeni wiWe Azokoranire hamwe uyu munsi w’iyinga isaha indwi yo kumurango mu masaha y’i Jeffersonville, kugira ngo twumvirize Imana Ivuga biciye mu kanwa k’umuntu, aho Abwira Umugeni wiWe uwo ari we, ivyerekeye aho turiko turaja, n’uko bizoba bimeze nitwahashika.

MweneSo Joseph Branham