20-0802 Uburongozi

Ubutumwa: 65-1207 Uburongozi

Kuvoma Ubutumwa

Ibimenyeshejwe Ibimenyeshejwe ku bijanye n’ugusobanura mu zindi ndimi bikorerwa muri Branham Tabernacle

Inkukuma Zirakoranira Hamwe

Bakundwa Bantu b’Amabande,

Tuba mu gihe gitera akanyamuneza cane. Nk’uko Yabisezeranye mw’Ijambo RyaYo, ibanga ryarerekanywe maze rihishurirwa akarwi kanaka k’abantu. Ukugaragara kwuzuye kw’Umuntu Yesu Kristo kwaragaragajwe mu mubiri ku Mugeni wiWe.

Ibintu bishika muri iki gihe tubona bigaragara uno munsi twabisiguriwe n’ubuvugishwa. Ivyanditswe biriko birashitswa buri munsi. Ibintu bishika vyavuzwe muri Bibiliya biriko birabera imbere y’amaso yacu. Ubu tuba mu Gihe c’Umugeni.

Turi Urubuto rw’Imana rwatoranirijwe Ubugingo Budashira. Atwita “Umupfasoni WiWe Yatoranijwe,” “Umugeni WiWe.” Kubera iki ? Kuko turi Ijambo Ry’Imana Rigeretse kw’Ijambo. Nta mwambiro dufise muri twebwe, Ijambo Ry’Ukuri Ritanduye Ry’igihe gusa, Ubu Butumwa
twabwiwe n’umuhanuzi wiWe.

Hari ikintu kimwe gusa gishobora gushira Ishengero mu Mugeni hanyuma kikaMuha UKWIZERA kw’izamurwa gukenewe : Malaki 4. Ijwi Ry’Imana Ryavugiwe mu ntumwa yaYo.

Muri buri gihe Imana Yama Ifise inzira yateguwe. NtiYigera Ihindura urutonde rwaYo canke uburyo Ikora ibintu, kuko uko Yari ejo niko Iri n’ubu no mu bihe bidashira. Imana Yamye Irungika umuhanuzi ngo arongore abantu. Kandi muri iki gihe Yarungitse umuhanuzi aruta abandi bo mu bihe vyose, William Marrion Branham, ngo arongore Umugeni WiWe.

Hariho abandi bakozi b’Imana bahambaye mu gihe Paulo yandika Bibiliya, ariko Paulo yategetse iki umugeni mu gihe ciwe, MUNYIGANE NK’UKO NANJE NIGANA KRISTO.

Muri buri gihe ishengero rirananirwa maze rikagwa mu kajagari. Bava kw’Ijambo Ry’Ukuri bakongerako insiguro zabo. Vyarasezeranywe mw’Ijambo ko impwemu ya Datani na Kora yari kwongera kuboneka muri iki gihe maze igasubira kuvuga ivyo yavuze kirya gihe iti, “ntabwo ari wewe wenyene wera, natwe turera, Mpwemu Yera Araturongora.” Umwami Yabwiye Mose, itandukanye nabo. Mbega yatubwiye iki ku munsi w’iyinga ?

Bose muri bo bariye bimwe, bose batamvye muri Mpwemu, ibintu vyabo vyose babishira hamwe; ariko bageze ku gihe c’ukwitandukanya, Ijambo niryo Ryabatandukanije. N’ubu niko biri! Ijambo niryo Ryatandukanije.

Ijambo Ririko Rirakora nk’ivyo nyene muri iki gihe. Iki nico gihe conyene Yesu Yahagaraye ku rugi Aradodora kuko Yari Yugaraniwe hanze. Hari inzira imwe yo KUBA UDAKEKERANYA : kwugurura urugi TukaMureka ngo Yinjire mu kugumana Ijambo Ry’Inkomoko. Gukurikira intumwa y’igihe cacu yemejwe kandi yagaragajwe.

Ese ukuntu inkuru y’urya mutunzi w’umutware akiri muto ari ikigereranyo c’ibiba muri iki gihe. Abafarisayo n’Abasadukayo ntibari kuza kuri Yesu, bashaka kuMwica, ariko uyu musore yari azi ko adafise ibisabwa kugira ngo aronke Ubugingo Budashira. Yari azi neza ko akeneye kuja kuri Yesu kugira ngo aronke inyishu NYAYO, ntiyagiye ku muherezi wiwe, canke uwundi mukozi w’Imana, ariko yagiye kuri Yesu gusa.

Igihe yegera Yesu, Yaramukunze, kuko yari yarerewe mu rugo rw’Abakristo, yakurikije ivyagezwe vy’Imana vyose, kandi yari yigishijwe gukunda Ijambo. Yesu Yamubwiye ko hari inzira IMWE GUSA yo kuronka Ubugingo Budashira : heba vyose, amahera yawe, ubwibone bwawe, maze uMukurikire. Gusa kuri we vyari birenze. Abarongozi yari yarasonse mu buto bwiwe bari baramwandukije ku buryo yanse kwemera inzira yonyene yateguwe n’Imana.

N’ubu niko biri, mutegerezwa gukurikira inzira yonyene yateguwe n’Imana kugira ngo mwakire Ubugingo Budashira.

Mushobora kuvuga muti, “Mfise Mpwemu Yera Andongora.” Ivyo ni vyo, mutegrezwa gukurikira Mpwemu Yera mu buzima bwanyu, ariko umuhanuzi yavuze ati :

Benshi muri mwebwe mwiyumvira muti, “Naronse umubatizo wa Mpwemu Yera, ndiko ndaja mw’Ijuru.” Ivyo ntibivuga na gato ko muriko muja mw’Ijuru. Oya, Mugenzi. Mushobora kugira umubatizo wa Mpwemu Yera buri saha y’ubuzima bwanyu, yamara mukazimira mukaja
n’ikuzimu. Bibiliya niko ivuga.

Yavuze yuko mutegerezwa kumenya Umuntu Yesu Kristo mu gihe canyu.

Yesu, igihe Yaza, Yategerezwa kuba Umuhanuzi. Ivyo nivyo! Kandi Uno munsi, imbere yuko Yesu Agaruka, ukugaragara kwuzuye kw’Umuntu Yesu Kristo gutegerezwa kugaragara mu mubiri. Vyiyumvire!

Uriko ukurikira nde muri iki gihe ? Ni nde akurongora ? Kuri twebwe ni Umuntu Yesu Kristo, Ijwi Ry’Imana Rituvugisha Riciye mu ntumwa yaYo, ahamagarira Umugeni waYo gusohoka. Turamwigana, nk’uko nawe yigana Kristo. Kandi twarahishuriwe ko inzira yonyene yo kudakekeranya ko turi mu BUGOMBE BWIWE BUTUNGANYE kandi no kuMukurikira, n’ugufyonda tukavuza.

Ese ukuntu bizoba ari ibihe bidasanzwe ku Mugeni wiWe ku munsi w’iyinga aho tuzokoranira hamwe isaha indwi zo ku muhingamo mu masaha y’i Jeffersonville kugira ngo tube igice c’Ivyanditswe biriko birashitswa, mu gihe Data Avugana natwe kandi Akatubwira ko dufise
Uburongozi 65-1207 nyabwo : We Avugira mu muhanuzi wiWe, Atubwira ko Yegereje kuza kubwacu, Umugeni WiWe.

MweneSo Joseph Branham

Ivyanditswe vyo gusoma imbere yo kwumviriza Ubutumwa
Uwera Matayo 24:24
Uwera Mariko 10:17-22
Uwera Yohana 1:1 / 14:19
Abaheburayo 11:23-29
Ivyahishuriwe Yohana igice ca 22