20-0729 Inkukuma Zikoranira Hamwe

Mukundwa Rubuto Rw’Imana,

Nsaba ko mwoba mwaranezerejwe n’ibikorane vyacu vy’amasengesho vyo ku munsi wa gatatu aho tuvugana na We, tuMutazira, kandi tuMuhimbaza umunsi wose. Ese ukuntu vyatunezereje kuMubwira uko tuMukunda kubw’ivyo Yadukoreye vyose, hamwe n’ivyo Ariko Aradukorera mu kutubwira buri munsi Ati “Muri Umugeni waNje.”

Ndakunda ukuntu Yavuganye natwe ku munsi w’iyinga hanyuma Akatwemeza yuko : Imana Yishura amasengesho, mu gitondo, mw’ijoro, isaha zitandatu zo ku murango, isaha zitandatu zo mw’ijoro, canke igihe ico ari co cose.

Aho twoMutabariza hose, Ahora Ari kumwe natwe. Mbere Aratwegereye gusumba uko vyari igihe yari mu mubiri, aho Umwana WiWe Yesu Kristo Yari Aryamye Asinziriye inyuma y’ubwato Ari kumwe n’intumwa, hanyuma hakaza igihuhusi. Uno munsi, ni Muzima MURI UMWE UMWE WESE MURI TWEBWE. Kuko turi :

Ab’ukuri, bashizweho n’Imana, rurya rubuto rw’ukuri, karya karemangingo k’ukuri, ubugingo bw’Imana bwahoze mu Mana isi itararemwa; mwibuke, mwebwe mufise vy’ukuri Mpwemu W’Imana muri mwebwe kuri uyu mugoroba, mwahoze ng’aha muri Kristo kuko We Yari Ijambo Ryuzuye. Yari ukunengesera kwose kw’Ubumana mu buryo bw’umubiri. Imana Yari muri Kristo, Yiyuzuza n’abari mw’isi. Muravyemera? Raba, Yari muri Kristo. Rero asangwa mwahoze mu
Mana, urubuto, ijambo, kimwe mu biYigize kuva mw’itanguriro, rero mwagendanye na We kw’isi, mwavuganye na We kw’isi, mwababaranye na We kw’isi, mwapfanye na We i Kaluvariyo, hanyuma musubira kuzukana na We, none ubu mwicaye ahantu ho mw’Ijuru muri Kristo Yesu, mufatanije na We (Ijambo).

UBU twicaranye na We ahantu ho mw’ijuru, dufatanya na We umunsi wose. Twabaye IJAMBO, RIGERETSE KW’IJAMBO, RIGERETSE KW’IJAMBO.

Uno munsi tuza kugendana na We, tuvugane na We, maze tuMutazire UMUNSI WOSE aho Aza kuvugana natwe mu nzira. Reka twongere duhurire hamwe mu masengesho isaha zitandatu zo ku murango, isaha icenda zo ku muhingamo hamwe n’isaha zitandatu zo ku mugoroba mu
masaha y’i Jeffersonville, maze dusengeranire.

MweneSo Joseph Branham