All posts by admin5

22-0320 Agashashara k Indwi

Ubutumwa: 63-0324E Agashashara k Indwi

Kuvoma Ubutumwa

Ibimenyeshejwe Ibimenyeshejwe ku bijanye n’ugusobanura mu zindi ndimi bikorerwa muri Branham Tabernacle

Mukunzi Mugeni w’Umwizigirwa,

Kandi amenye ikigira indwi kimatanije ico gitabu, haba agacerere mw’ijuru nk’igihimba c’isaha.

  • Ng’iyi Imituragaro Indwi Ikurikirana, neza mu murongo : rimwe, kabiri, gatatu, kane, gatanu, gatandatu, indwi, kirya giharuro gitunganye. Imituragaro Indwi mu murongo, yaturagaye, atari… agira gusa—gusa rimwe, kabiri, gatatu, kane, gatanu, gatandatu, indwi, yarakurikirana. Rero, Amajuru ntiyashobora kwandika Ivyo. Amajuru ntiyari azi ivyerekeye ivyo, nta na kimwe kindi, kuko nta na kimwe cariho co kubandanya. Cari igihe co kuruhuka. Vyari bihambaye cane, gushika, aho vyagumijwe ari ibanga ku Bamarayika.
  • Kandi imituragaro indwi imaze kuvuga nari ngiye kwandika… Hariho ikintu kinaka cavuzwe. Ntirwari urwamo gusa. Ikintu kinaka caravuzwe. Yari agiye kwandika.. kandi numvise ijwi rivuye mw’ijuru rimbarira,…Murabe aho amajwi yari ari, Imituragaro. Si mw’Ijuru ; kw’isi ! Imituragaro ntiyigeze ituragarira mw’ijuru. Yaturagariye kw’isi.
  • Indwi. Igiharuro gitunganye c’Imana. Indwi neza munsi y’umurongo. Imituragaro Indwi yaturagariye neza rimwe, nk’aho yariko iradondagura ikintu kinaka.

Icipfuzo co mu mutima wacu ni ico kuba umuhungu canke umukobwa w’Imana w’ukuri ; kwitegurira Izamurwa ryiWe rigiye kuza vuba. Rero dutegerezwa kubaza Umwami tuti, « Ni igiki kizoha Umugeni Ukwizera kw’Izamurwa Akeneye » ?

  • Ndizera ko, biciye muri iyo Mituragaro Ndwi, izohishurwa mu minsi ya nyuma mu buryo bwo gushira Umugeni hamwe kubw’ukwizera kw’izamurwa.
  • Kandi Imituragaro Indwi, neza mu guhishura ng’aha kwa Yesu Kristo, Ni ibanga rinaka. Mbega Bibiliya Ntivuga ko Uku ari « Uguhishura kwa Yesu Kristo » ? Yemwe, hariho ibanga rinaka rihishijwe, ryaKwo. Kuko, Yohana yari agiye kwandika, maze Ijwi Ryamanutse Rivuye mw’Ijuru, Ryavuze Riti, « Ntuvyandike. Ariko matanishe ishashara. Bimatanishe ishashara. Bishire inyuma y’Igitabu. » Bitegerezwa guhishurwa. Ni amabanga.

Mbega Mpwemu Yera, biciye mu gikorwa c’Imana, Agiye guhishurira Umugeni Uguhishurirwa kw’Imituragaro Ndwi kuzobaha ukwizera kw’Izamurwa ?

  • Ubu iyi ntumwa yo muri Malaki 4 n’Ivyahishuriwe Yohana 10 :7 igiye gukora ibintu bibiri. Icambere : Bijanye na Malaki 4 izohindukiriza imitima y’abana ku ya base. Ica kabiri : Izohishura amabanga y’imituragaro ndwi yo mu Vyahishuriwe Yohana 10 ariyo mabanga ari mu dushashara ndwi.
  • Utu Dushashara turi inyuma y’Igitabu. « Kandi ico gihe umumarayika w’indwi azoba ariko aravuga, amabanga yose yanditswe yo mu Gitabu, azoba aherahejwe. » Kandi buno nyene Igitabu, cari cuguruye kandi canditswemwo, kirugawe. « Amabanga y’Imana Araherahejwe. » kandi aya ni amabanga y’Imana : ukugenda kw’Ishengero, n’ibi bindi bintu vyose. « Amabanga ararangiye. » Igihe urya mumarayika w’indwi avuga ibanga ryose, riraheze. Uwo yoba ari wese, ico yoba ari cose. Ijambo ry’Imana Ntirishobora gutsindwa.

BIROROSHE CANE.

Ibanga, kubw’ iyo Mituragaro Ndwi Rizoha Umugeni Izamurwa kubw’Ukwizera. Imana YONYENE, biciye mu mumarayika ntumwa waYo, Izohishurira Umugeni IMITURAGARO INDWI.

Namba ushaka ko Imituragaro Indwi iguhishurirwa, kugira ngo iguhe Ukwizera kw’Izamurwa, nta bundi buryo bwo kuronka ukwo Guhishurirwa atari ukukwakira kuvuye mw’Ijwi ry’Imana Ryagaragajwe ryonyene ry’iki gihe cacu ; atari kuri jewe, atari ku mwungere wawe w’aho uherereye, umuvugabutumwa, canke umwigisha, ariko rivuye ku mwungere w’Imana kw’isi, mu GUFYONDA UKAVUZA.

Ni muze mwumvirize amabanga yose ahishurwa : ni mwakire Ukwizera kw’Izamurwa kandi mwuzuze Amavuta itara ryanyu, kuw’iyinga isasita kw’isaha y’i Jeffersonville, (isakumi na zibiri mu Burundi) mu gihe tuzokwumva Imana Ivuga kandi Yihishura ubwayo mu biciye bugufi kandi Ituzanira : Agashashara k’Indwi, Ubutumwa bwavuzwe kw’igenekerezo rya 24 Ntwarante ku mugoroba, umwaka wa 1963.
MweneData Joseph Branham.

Ivyanditswe vyo gusoma imbere yo kwumviriza Ubutumwa :
Gusubira mu Vyagezwe 29 :16-19
Igitabu ca mbere c’Abami 12 :25-30
Ezekiyeli 48 : 1-7, 23-29
Matayo 24 :31-32
Ivyahishuriwe Yohana 7
Ivyahishuriwe Yohana 8 :1
Ivyahishuriwe Yohana 10 :1-7
Ivyahishuriwe Yohana 14

22-0313 Ibibazo N Inyishu Ku Dushashara

Ubutumwa: 63-0324m Ibibazo N Inyishu Ku Dushashara

Kuvoma Ubutumwa

Ibimenyeshejwe Ibimenyeshejwe ku bijanye n’ugusobanura mu zindi ndimi bikorerwa muri Branham Tabernacle

Mukunzi Mugeni Uruhutse,
Iki gihe, isi isoma amakuru y’inkoramutima yo mu binyamakuru kugira ngo yumve ivyabaye mw’isi ejo : Ubwoba, Uruhagarara, Amamisile, Amababombe ruhonyanganda, Ugusambuka, Ibinyoma, Uruhendo, Politike, Urupfu.

Ariko Umugeni Arafyonda Akavuza, kandi yumviriza Ijwi ry’Imana Rivugana nabo kandi Rivuga riti : Imvune Zera, Ugutsindanishirizwa, Ugutoranywa, Ugukaburwa, Uguhishurirwa, Ukuri, Izamurwa, Ubugingo Budashira.

Ntutinye mukundwa, Ndi kumwe nawe, buri segonda ya buri munsi. Ibi ni ivyo Nababwiye vyose vy’Integuro Yanje Ihambaye. Ubu, ni mwitegereze vyose bishikira imbere y’amaso yanyu nyene.

Kuri bo : Uwu ni umunsi mubi kuruta iyindi yose yo mu buzima bwacu ; ikintu cose coshobora kurangira ejo.
Kuri Twebwe : Uyu ni umunsi mwiza uruta iyindi yose yo mu buzima bwacu ; ikintu cose coshobora kurangira ejo.

Imana Ifise inzira Yateguye, IJAMBO RYAYO. Yarungitse umuhanuzi mumarayika waYo hamwe n’Ijambo ryaYo guhamagarira Umugeni waYo gusohoka no kubayoborera Imuhira iwabo Hashasha Yabateguriye.

Namba wokwipfuza uku kugubwa neza , amahoro, n’umutekano dufise; namba wokwipfuza kuza kuba muri irya Nzu Yateguriye Umugeni waYo; Ni muze mufatanye natwe kuw’iyinga isasita kw’isaha y’i Jeffersonville, (isamoya y’ijoro kw’isaha y’i Burundi), maze mwumvirize Inzira Yonyene Imana Yatanze y’iki gihe, kandi wumvirize umuturagaro w’Ijwi ryiWe Ryagaragajwe kuri twebwe : Ibibazo n’Inyishu ku Dushashara, Ubutumwa bwavuzwe kw’igenekerezo rya 24 Ntwarante mu gitondo, umwaka wa 1963.

Icegeranyo gitoya c’imitwe y’amajambo makuru makuru muzokwumviriza kuw’iyinga.
Mbega ni iki kizohuza Umugeni : Ijambo.
Mbega Ijambo Riza kuri nde : Umuhanuzi
Mbega umusiguzi ava ku Mana w’Iryo Jambo ni nde : Umuhanuzi
Mbega Ijwi ry’Imana kuri mwebwe ni nde : Umuhanuzi
Mbega tuzocirwa urubanza n’Amajambo ya nde : Ijambo ry’Imana Ryavuzwe na : UMUHANUZI.

MweneData Joseph Branham

22-0306 Agashashara ka Gatandatu

Ubutumwa: 63-0323 Agashashara ka Gatandatu

Kuvoma Ubutumwa

Ibimenyeshejwe Ibimenyeshejwe ku bijanye n’ugusobanura mu zindi ndimi bikorerwa muri Branham Tabernacle

Bakunzi Ntama z’Imana,

Mbega ni ikihe kintu gihambaye coshobora kuba, twoshobora kuba turi abantu bagiriwe ibakwe ukungana gute, nko kuba imbere y’Umwami w’Abami, Uganza Abaganza ?

Muvyiyumvire gusa. Ukuba ng’aha k’Umwami w’Abami, Uganza Abaganza kuri hamwe natwe. Yaduhishuriye ko TWASHITSE. Turi ng’aha ! Ugihishurirwa Yaduhaye kuva ku Mana. Ni Ukuri. Turi Umugeni Ntama ziWe Yatoranije.

Twumviriza amakete yiWe y’urukundo buri yinga atubwira ati : « Bakunzi Myagazi yaNje, natanze umuhamagaro waNje ku ntama. Impene ntiziwuzi, ariko mwarawumenye. Mwagumye muri abizigirwa kuko intama zaNje ziraNzi kandi uwo zitazi ntizizomukurikira. Ritegerezwa kuba Ijwi ry’ikimenyetso canJE rya mpwemu ryagaragajwe RYONYENE. »

Ntimwayubiye iruhande canke nta nubwo mwaravye uwundi ; mwagumye muri ab’ukuri kw’Ijwi ryaNje. Muri Bamwe nari ndindiriye. Ndazi ko babatwenga kandi mudatahurwa, ariko nababwiye ko Nogarutse kubwanyu namba MUGUMANYE N’IJAMBO RYANJE, kandi mwarabikoze. UBU NDAJE KUBWANYU nk’uko nabasezeraniye ko nobikoze. Ijambo mwavomereye Riraje kubajana Muhira Iwacu Hashasha.

Abandi bashobora kuba badafise uguhishurirwa dufise kandi bavuga ko dutoranya abantu ku butoni; canke dusenga umuntu kandi atari Umwami Wacu. Mbega ukuntu bo ari impumyi. Namba ari uko biri vy’ukuri, rero Umugeni wa Kristo hirya y’igihuzu c’igihe nabo ntabwo ari ab’ukuri.

Igihe umuhanuzi yabona Umugeni aza yiruka kuri we kandi avuga ati, « mweneData w’igiciro », baramuguye
munda kandi bamushize mu Kibanza co Hejuru. Iki… UMUGENI wa Kristo yariko aratoranya abantu ku butoni bw’ Umuhanuzi, mu kumushira mu Kibanza co Hejuru ? Mbega uriko uravuga ko boshobora kuba batakoze ivyo ?

Rero inyuma y’ivyo, Umugeni wese yari hariya mu myambaro yabo yera kandi batanguye gusemerera bati, « Iyo utaba waraje ufise Ubutumwa Bwiza, ntitwobaye hano. » Iyo ataba yaraje ntibobaye hariya ?

Rero Ijwi Rivuye hejuru Ryavuze ko tuzocirwa urubanza bijanye n’IJAMBO yatwigishije kandi rero azoMutwereka.

Ijwi ntiryavuze ko tuzocirwa urubanza n’ico umuntu munaka wundi yavuze canke insiguro y’ico umuntu munaka yavuze, ariko ico yavuze. Rero azoMutwereka.

Ndashobora kwidegemvya no kuvugira igice c’Umugeni Afise Uguhishurirwa kumwe nuko mfise, no kuvuga ukuntu twiyumva. Namba tugiye GUCIRWA URUBANZA, kandi AMEREKERO YACU Y’IBIHE BIDASHIRA anshingiye kw’Ijambo Imana Yavuze biciye mu muhanuzi waYo, rero dutegerezwa kwumviriza GUSA rirya Jambo Riva kw’Ijwi ry’Imana ry’igihe cacu. Ntidushobora, kandi ntituzoruhurira Amerekero yacu y’ibihe bidashira ku co umuntu munaka wundi asigura, canke avuga, ariko ico YAVUZE. DUSHOBORA KWUMVA GUSA IJWI RY’IMANA, kandi William Marrion Branham ni we JWI RY’IMANA RYONYENE… IMANA NIKO YAVUZE.

Narabatsitaje mu kuvuga ivyo, mumparire, ariko numvise ko bitegerezwa kuba vyafashwe nabi, ariko, ndi Ijwi ry’Imana kuri mwebwe.

Rero turanezerewe kandi turakengurukira Umwami ko turiko turakora neza nk’uko Umugeni yariko arakora ahandi hantu. Ubwiza, Icubahiro n’Amashimwe vyose bije kuri UMWE KANDI UMWAMI YESU KRISTO WENYENE. Nk’uko umuhanuzi wo mu Vyahishuriwe Yohana 22 :9 yatubwiye, senga Imana… TURABIKORA kandi turaMukunda cane rwose.

Igihe kiriko kirarenga. Ivyanditswe biriko birashika vyihuta gusumba uko dushobora gusoma ibiriko birashika vyose. Araje kubw’Umugeni wiWe vyihuta. Isi iriko irunga ubumwe. Umugeni ariko arunga ubumwe. Ikibanza kiriko kirategurwa kubw’Izamurwa.

Turashima Umwami kubw’abantu bahamagawe n’Imana bigisha Ijambo, ariko bavugabutumwa, mushireko rirya Jwi mwebwe n’abantu banyu rigiye kubacira urubanza ubwambere. Mukoranire mu mashengero yanyu kandi mwumvirize Ijwi ry’Imana Rivuga,ryonyene Ryagaragajwe . Mufyonde muvuze.

Turatumiye bose boza mu Bwato kandi bagacunguranwa hamwe natwe mu gihe tuba umwe kandi twumviriza Ijwi ry’Imana Rivuga Amajambo Azoducira urubanza, isasita kw’isaha y’i Jeffersonville,[isaha imwe y’ijoro mu Burundi] kandi twumvirize Agashashara ka Gatandatu, Ubutumwa bwavuzwe kw’igenekerezo rya 23 Ntwarante 1963.

Ni Ivyokurya vy’Intama z’Imana. Nta na kimwe congeweko, nta na kimwe gikuweko kandi nta na kimwe gisiguwe, ni IVYOKURYA VY’INTAMA binoboye neza kandi bitavanze.
MweneData Joseph Branham.

Ivyanditswe vyo gusoma imbere yo kwumviriza Ubutumwa

Kuvayo 10 :21-23
Yesaya 13 : 6-11
Daniyeli 12 :1-3
Matayo 24 :1-30
Matayo 27 :45
Yohana 10:27
Ivyahishuriwe Yohana 6
Ivyagushuriwe Yohana 11:3-6

22-0227 Agashashara ka Gatanu

Ubutumwa: 63-0322 Agashashara ka Gatanu

Kuvoma Ubutumwa

Ibimenyeshejwe Ibimenyeshejwe ku bijanye n’ugusobanura mu zindi ndimi bikorerwa muri Branham Tabernacle

Mukunzi Mubiri Umwe Uhambaye Wa Kristo,

Ni ibiki biriko birashika uyu munsi ? Ijambo ry’Imana Ririko rirashitswa. Iminsi Umugeni yari arindiriye kuva kera iriko iragaragarira imbere y’amaso yacu neza ubu. Iminsi umuhanuzi w’Imana yatuburiye yuko ije, ija iri ng’aha ubu.

Agashashara karuguruwe. Ivyo ni ibiki? Ibanga rishizwe ahabona. Murabona? Kandi igihe ibanga rishizwe ahabona, rero inzamba iba ivuze. Igatangaza intambara. Icago kirashitse, kandi igihe c’ishengero kiratanguye.

  • Uburusiya
  • Intambara
  • Ubukomunisita
  • Amavuta
  • Ivyago

Igihe Uburusiya bumanutse hariya gutora arya mavuta, mube maso.

Uburusiya, ubukomunisita, nta na kimwe biriko vyigarurira. Ijambo ry’Imana ntirishobora gutsindwa. Roma igiye kwigarurira isi.

Marayika muranduzi afashe ikiganza c’Uburusiya, hamwe n’ibisasu ruhonyanganda; gushitsa Ishengero ryishize hamwe, hama kandi Umubiri umwe uhambaye wa Kristo. « Ntaco nshobora gukora utaraza ng’aha. » Yooo, namba ivyo atari ivyizigiro bihezagiye !

Ishengero, Umugeni WiWe, ariko arahurira hamwe kw’isi yose nk’Umubiri Umwe Uhambaye wa Kristo, wumviriza Imana Ivuga kandi Ihishura Ijambo ryaYo. Tubona Ijambo Rishitswa mw’isi hirya no hino yacu, ariko vyongeye tubona Ijambo ry’Imana Rishitswa kandi Rigaragarira muri twebwe.

Turiko turaronka ugukaburwa kubw’Uguhishurirwa nk’uko bitigeze bibaho mbere , mu gihe ubu buvugishwa buriko burashitswa.

Isi iri mu ruhagarara n’ubwoba. Bararindiriye, baraba bongera bibaza, ni ibiki bigiye gukurikira ? Mbega ejo habitse iki ?
Ibi vyose bisigura iki ? Mbega Uburusiya bugiye gufata ubutegetsi ? Ni bite ku bijanye n’ubutunzi ?

Muri ico gihe, Umugeni ari mu MAHORO. TURARUHUTSE, twuzuye Mpwemu Yera, tuMwumviriza Avugira mu mumarayika wiwe ahambaye mu gihe Atubwira Ati : Ntimutinye ikintu na kimwe mwa busho botoya bwanje mwe, muri umukunzi waNje natoye. Muri :

Abatoranijwe imbere y’uko isi ibaho. Amen ! Kandi ni abizigirwa kw’Ijambo. Amen ! Whew ! Ndakunda ivyo. « Bahamagawe, batoranijwe, imbere y’uko isi ibaho. » Kandi rero, abizigirwa kw’Ijambo, kubw’uguhitamwo kwabo, bose bakabuwe na vino nsha n’Amavuta, babandanya neza gusa, bamanutse kumusanganira. Barazi y’uko Imituragaro Izotuzanira ivyo bintu, vuba cane. Murabona ?

Aremera yuko turi Abizigirwa kw’Ijambo ryiWe. Twabikoze kubwo uguhitamwo kwacu ubwacu. Ubu turiko turabandanya neza, tuzi yuko Imituragaro izotuzanira ivyo bintu vuba cane, kandi Azoza Atujane i Muhira iwacu hashasha.

Hariho mbere n’ibindi ashaka ko tumenya. Ikintu kinaka kirurumba neza nyene mu mutima wiwe ashaka kutubarira. Ntashobora kurindira kuko arazi y’uko kizoduha Ugukaburwa. Kubw’ubuntu bw’Imana, Yararetse umuhanuzi wiwe aratubona, ihanga ryiwe, hakurya hamwe na we. Yavuze ati, « Igihe nababona, mwese mwari mwambaye IMPUZU ZERA. »

Twari twakoranirijwe hamwe na we. Twaramutwaye tumushira ku kintu kininiya co hejuru. Twamubwiye tuti, « kw’isi, wari umurongozi wacu. »

Twari amamiriyoni twiruka tumusanga twongera tumugumbira tumwita « mweneData ». Ubwo nyene Ijwi Rivuye hejuru Rivuga riti, « Aba bantu ni abizera bawe warongoye. Uzocirwa urubanza n’ivyo wababariye ».

Umuhanuzi yaravuze agira ati, « Umurwi wa Paulo niwinjira, n’uwanje uzinjira, kuko nigishije neza na neza Ijambo nka rirya nyene. » Maze twese dusemerera UBWO NYENE, N’IJWI RIMWE tuti :

« Turuhukiye kuri Ivyo ! »

Izina ry’Umwami Rishimwe, turuhukiye kuri buri Jambo ryose Yavugiye mu muhanuzi wiWe. Tuzocirwa urubanza n’iryo Jambo. Twari ihanga ry’umuhanuzi. Yari umurongozi wacu aturongorera kuri Kristo. Twese twari twambaye Impuzu Zera. Ntitwari turuhukiye kuvyo umuntu munaka yavuze ko yavuze, canke ivyo umuntu munaka yavuze ko vyasigura, twari turuhukiye kuri buri Jambo ryose yavuze.

Mugeni, mbega umunsi n’igihe vyo kubamwo. Nimwumviriza amakuru uyu munsi, muraja kumenya ivyabaye ejo. Fyonda muvuze, maze muraja kwumva ibigiye kuzoba ejo, n’umunsi ukurikira, n’umunsi ukurikira, n’umunsi ukurikira.

Ni muze dukoranire hamwe n’Umubiri Umwe Uhambaye Wa Kristo isaha zitandatu kw’isaha y’i Jeffersonville [Isaha imwe yuzuye mw’ijoro i Burundi], mu gihe tuzokwumviriza : Agashashara ka Gatanu, Ubutumwa bwavuzwe kw’igenekerezo rya 22 ntwarante umwaka wa 1963. Nta kwibaza, si ukwizigira, ariko MURAZI yuko mwumviriza NIKO UHORAHO AGIZE itavanze iva mw’Ijwi ry’Imana ryo mu gihe cacu.

MweneData Joseph Branham.

Ivyanditswe vyo gusoma imbere yo kwumviriza Ubutumwa :

Daniyeli 9:20-27
Ivyakozwe n’intumwa 15:13-14
Abaroma 11:25-26
Ivyahishuriwe Yohana 6:9-11
Ivyahishuriwe Yohana11:7-8
Ivyahishuriwe Yohana22:8-9

22-0220 Agashashara ka Kane

Ubutumwa: 63-0321 Agashashara ka Kane

Kuvoma Ubutumwa

Ibimenyeshejwe Ibimenyeshejwe ku bijanye n’ugusobanura mu zindi ndimi bikorerwa muri Branham Tabernacle

Mukunzi Mugeni Wakabuwe,
Igihe umunsi w’Ubutumwa waza, twese twari mu nama imwe, ahantu hamwe, kw’isi yose, aho giturumbuka haza igihinda kivuye mw’Ijuru, nk’uguhuhuta kw’umuyaga w’inkomezi. « Mwiriwe, bagenzi. Ni muze duhaguruke ubu akanya gatoya kubw’isengesho. » Mpwemu Yera Yuzuye amazu n’amashengero yacu yose aho twari twicaye, hamwe no kuba ng’aho kwiWe.

Rero ubushobozi bw’Uguhishura kw’Ijambo kwatanguye kuduha ugukaburwa kw’umunezero, ugukaburwa kw’uguhazwa, ugukaburwa ko vyagaragaye, vyemejwe ko turi Umugeni Mukundwa wa Yesu Kristo Yatoranijwe.

Turindiranye igishika cinshi ko iyo Mituragaro Indwi Itwumvisha amajwi yaYo kuko turazi ata gukekeranya na gatoya, ko turi urya mugwi wafashe Ijambo ry’Imana. Tuzomanyagura kandi tuzokebesha Ryo. Dushobora kwugara amajuru, dushobora kwugara ibi, canke gukora biriya, ico dushaka cose. Umwansi azokwicwa n’Ijambo Rivuye mu kanwa kacu, kuko Rikarishe gusumba inkota y’ubugi bubiri. Twoshobora no guhamagara amamiriyaridi abiri y’amatone y’isazi namba tuyashaka. Ico TUVUGA ico ari co cose, kizoshika, kuko ni Ijambo ry’Imana Riva mu kanwa k’Imana.

Tuzogira ubugenduzi bwuzuye, burengeye vyose bw’isi, kuko turi akamana gatoya. Imana n’Imana y’ivyo vyaremwe vyose, ahantu hose, ariko tuzoronka isi munsi y’ubugenduzi bwacu bwite. Dushobora kuvuga, dushobora kwita izina, dushobora kuvuga, dushobora guhagarika ibidukikije, dushobora gukora ikintu cose dushaka ; ni umwandu wacu washumbushijwe.

Satani avuga ati, « Ariko baragirwa n’icaha ! » Yamara Asemerera kandi Avuga ati, « NTIBAGIRWA » Baratuye ivyaha vyabo kandi bari imbere yaNje baratsindanishirijwe rwose. Sinshobora no gusubira kuvyibuka. Bo ni umuhungu waNje bidaharirizwa. »

Ico si iciyumviro cacu, nta n’ubwo ari ijambo ryacu, ariko ni IJAMBO RYIWE, ISEZERANO RYIWE, kuko Imana NtiYigera Ihindura integuro yaYo canke uburyo bwaYo bwo gukora ibintu. Yama Ikoresha umuntu, kandi Itubwira ko turi Umugeni waYo Yagarukanywe kandi Yagaragaye Yagumanye n’Ijambo ryaYo.

Ntitwabaye hamwe n’ikindi na kimwe kiretse Ijambo ryaYo ry’Inkomoko. Ntitwahuvye, canke ntitwanaravye ikindi kintu, ariko twagumanye n’Ijwi ry’Imana, Ijambo Ryihinduye Ryiha umubiri, Inkingi y’Umuriro Yagaragaye, Umwana w’Umuntu, Uko Niko Uhoraho Agize. Turi Inkumi Umugeni Jambo wiWe.

Muvuga ku gukaburwa kubw’Uguhishurirwa. Nka mushikiwacu ku Mugezi, ntidutegerezwa kurindira ijoro ryose nta no kurindira gushika ijoro rikurikira, turaGufise ubu nyene. Turi uruvyaro rwiWe. Urya Muco
Wakubise kuri twebwe kandi ikintu kinaka imbere catarukiye ku Bugingo bushasha. Ubu turi mu nzira tubwira bose tuti, « Twarabishoboye. Ikibazo cose caraheze, Imana ubwaYo Ivugana natwe mu Butumwa bwose twumviriza, Itubwia Iti : « Muri abo Narindiriye. Ubu ngiye kubatwara mu nkinga yacu. Nabakoreye Inzu Nziza neza ukuntu mukunda ikintu cose. Tugiye kuzobana ibihe bidashira hamwe. »

Kuri twebwe Ukuri kw’Ijambo ry’Imana Ryasezeranywe kwaragaragaye kandi kwarahishuwe. Yohana 14 :12, Yoweli 2 :28, Icete ca Kabiri ca Timoteyo 3, Malaki 4, Ivyahishuriwe Yohana 10. Ubu twuzuye Amavuta kandi twarakabuwe.

Mbega wokwipfuza kuronka uku Gukaburwa nyene ? Urashobora, ariko hariho ahantu hamwe honyene ho kukuronkera. Nk’igihe Yesu Yari ku bugeni kandi bari bakehaniwe n’umuvinyu. Vy’ukuri bariko baranywa umuvinyu kandi wabaha ugukaburwa, ariko UMUVINYU MWIZA URUTA IYINDI wavuye neza kuri Yesu ubwiWe.
Ni muze munywe Umuvinyu Mwiza Uruta iyindi kandi mwakire Ugukaburwa kwiza kuruta ukundi mu Guhishurirwa hamwe natwe kuw’iyinga isasita kw’isaha y’i Jeffersonville[Isaha imwe yuzuye mw’ijoro I Burundi], mu gihe tuzokwumviriza : Agashashara ka Kane, Ubutumwa bwavuzwe kw’igenekerezo rya 21 ntwarante umwaka wa 1963.

Mwitegure kuborezwa n’Umuvinyu wa Mpwemu Yera.
MweneData Joseph Branham.

Ivyanditswe vyo gusoma mu kwitegurira ukwumviriza ubutumwa “Agashashara ka Kane” bwavuzwe kw’igenekerezo rya 21 ntwarante umwaka wa 1963.
Matayo 4
Luka 24:49
Yohana 6:63
Ivyakozwe n’Intumwa 2:38
Ivyahishuriwe Yohana 2:18-23
Ivyahishuriwe Yohana 6:7-8
Ivyahishuriwe Yohana 10:1-7
Ivyahishuriwe Yohana12!13
Ivyahishuriwe Yohana13:1-14
Ivyahishuriwe Yohana16:12-16
Ivyahishuriwe Yohana 19:15-17
Itanguriro 1:1
Zaburi 16:8-11
2Samweli 6:14
Yeremiya 32
Yoweli 2:28
Amosi 3:7
Malaki 4

22-0213 Agashashara ka Gatatu

Ubutumwa: 63-0320 Agashashara ka Gatatu

Kuvoma Ubutumwa

Ibimenyeshejwe Ibimenyeshejwe ku bijanye n’ugusobanura mu zindi ndimi bikorerwa muri Branham Tabernacle

Mukunzi Mugeni Nkumi,
Narasenze kandi nasavye Umwami ico Yashaka ko nandika kandi mvuga coshobora mu buryo bunaka kuba umuhezagiro n’indemeshanyo kuri mwebwe, Umugeni wiWe. Simfise amajambo, kandi sinzi ico novuga. Numva ntabereye na gatoya no kwandika aya majambo makeya nandika, ariko ni icubahiro gihambaye c’ubuzima bwanje co kuMukorera ico ari co cose.

Nizeye ko igihe co kwumviriza utu Dushashara Indwi gitunganye rwose. Dushobora kubona integuro ihambaye y’Imana ihishuwe kandi igaragariye imbere yacu. Ubutumwa ku Butumwa bucika Uguhishura ku Guhishura guhambaye. TuMubona Atwihishurira ubwiWe kandi Aturongora. Turazi ko dukora neza na neza ico Yatubwiye gukora “kugumana n’Ijambo.” Nta buryo buhambaye bwo gukora gusumba Gufyonda Tukavuza.

Numva umuhamagaro Yashize ku mutima wanje ari ukugumya ubu Butumwa. Ijwi ryiWe, aya mabande imbere yanyu iminsi yose; kubasigurira akamaro ko kwumviriza amabande. Ndazi ko ntashobora kubitanga uko bikwiye, ariko NDAZI ko ndi mu kuri mu kubabwira nti “Fyonda Muvuze,” mu gihe atari ivyiyumviro vyanje, ivyo nibaza canke amajambo yanje, ariko Amajambo y’Imana ubwaYo Ivugira mu ntumwa mumarayika w’indwi, atubwira ati :

Rimwe na rimwe iyo dusoma gusa, kandi, ubu, mwiyubare. Kandi igihe dusoma, turonse amabande, muyumvirize neza. Nuko, muzobironka ku ma bande, kuko barasubiriye kwumviriza ayo ma bande, kandi mu vy’ukuri ni meza kandi aroroshe. Kubw’ivyo, muzobitahura neza kurushiriza.

Nk’uko navuze kenshi cane mbere, sindwanya igikorwa c’Imana canke ico ari co cose Imana Yashize mw’ishengero ryaYo. Ico coba kigiye kurwanya Ijambo ry’Imana. Nizeye ko basizwe kandi bahamagawe n’Imana. Ariko nizeye ko kwumviriza no gushira Ijwi y’Imana nyene imbere y’abantu gitegerezwa kuba ikintu c’ingirakamaro kuruta ibindi umuntu wese yahamagawe n’Imana yoshobora gukora.

Ntibihagiye kuvuga ngo, « Mbwira ikoraniro ryanje kuvuza amabande. » Namba wizeye :

• Nta gusigwa guhambaye gusumba kwumviriza Ijwi ry’Imana kw’ibande.
• Uguhishura kwose gutegerezwa kuva muri rirya Jwi.
• Izamurwa mu kwizera dukeneye, rizova muvyo rirya Jwi Rivuga.

Umukozi w’Imana uwo ari we wese yoshobora gute kudashaka kwumviriza rirya Jwi, hamwe n’ishengero ryabo, hanyuma akavuga AMEN KW’IJAMBO RYOSE?

Umwe wese ategerezwa kugira ikintu kinaka yumva kandi yizeye ko ari ikintu C’INGIRAKAMARO GUSUMBA IBINDI ashobora gukora kugira ngo abe Umugeni wa Kristo. Ikintu kinaka gitegerezwa kuba NGIRAKAMARO GUSUMBA IBINDI VYOSE c’Imana n’ubugombe bwaYo butunganye. Mbega n’ibango ry’umwungere wawe ? Kwumviriza abandi bakozi b’Imana ? Simvuga ko atari vyo, mu buryo na bumwe, kandi ivyo ni vyiza cane bijanye n’Ijambo, ariko urizera ikintu c’INGIRAKAMARO GUSUMBA IBINDI ko ari ukwumviriza Ijwi ry’Imana kw’ibande Ryemewe ?

Namba ivyo ari vyo wizeye ko ari ikintu c’INGIRAKAMARO gusumba ibindi woshobora gukora, rero ni kuki umukozi w’Imana adashaka kuvuza no kwumviriza UBWO BUTUMWA BUTUNGANYE BW’INGIRAKAMARO GUSUMBA UBUNDI hamwe n’amakoraniro yabo ?

Mwibaze ubwanyu iki kibazo, canke mubaze umwungere wanyu : Mbega mwizeye ko iri jambo ari iry’ukuri, canke ari ikosa n’ukudatahura gusa kwa mweneData Branham, canke kugerageza kwiyerekana ?

Murabona, neza na neza ivyoshika ubu ! Kandi, kw’ishengero, ni igiki ? Ijambo Ryagaragaye Ryihaye umubiri hagati mw’ihanga ryiWe ubugira kandi ! Murabona ? ariko gusa ntibavyizera.

Namba mwizeye ko iri jambo ari iry’ukuri, kandi kuri mwebwe ari IJAMBO RY’IMANA, Ijambo Ryagaragaye Ryihaye umubiri, rero ni gute uwo ari we wese yoshobora kutabona ko ata KINTU NA KIMWE C’INGIRAKAMARO GUSUMBA IBINDI nko kwumviriza rirya Jwi.

Ni wikangure nkumi isinziriye, canke ufise uku Guhishura canke uri nk’uko yavuze : « gusa ntuRyizeye na gatoya. »

Nk’uko umuhanuzi yatubwiye, turi Igitabu gishasha c’Ivyakozwe n’Intumwa, rirya Shami Rishasha, Abatoranijwe. Rero, benshi bumva ko Mpwemu Yera ubu Aturongora nk’abantu ku giti cabo, canke Aturongoza igikorwa c’Imana atari mu muhanuzi wiWe.

Hari ukuri kwinshi muri ibi, ARIKO umuhanuzi nawe yakosoye ibi, kandi yaduhishuriye ukuri.

Umuntu umwe yavuganye nanje ng’aha nta gihe kininiya gishize. Yavuze ati, « Ariko mmweneData Branham… » [MweneData Branham arongoroye ijwi ryiwe—Umwanditsi] Murantunga. Yavuze ati, «Si inyuma y’ukuza kwa Mpwemu Yera, nta Bamarayika barongora ishengero, canke barongora abantu ku giti cabo. Oya, mugenzi.” Yavuze ati, “Ni Mpwemu Yera Aturongora.”

Uko ni ukudatahura neza hagati y’Umumarayika na Mpwemu Yera. IRYO NI IKOSA, Abamarayika barongora Ishengero ubu nyene, kandi baracarongora Ishengero. Neza.

Umumarayika wiWe arongora kandi ayobora Ishengero ryiWe. Twese dufise ikibanza cacu n’umuhamagaro wacu, ariko umumarayika wenyene niwe ategerezwa kurongora Umugeni.

Mwumvirize ico umuhanuzi w’Imana yavuze ku vyerekeye ayandi mabango yose ugereranije n’ico Imana YAMUHAMAGARIYE GUKORA.

Ni nk’umuntu w’u—w’umufundi w’amatelefone, si umufundi w’umuyagankuba neza. Yoshobora kuhakora akazi gatoya. Kandi nk’uko, namba umuntu ajejwe intsinga z’amatara yemwe ata nkeka a… Umuntu ni umwimvyi w’ibinogo vy’inkingi, kandi atigeze akora igikorwa na kimwe c’amatara, vyoba vyiza agumye kure y’amatara; ariko yoshobora gukora igikorwa gitoya co gusanasana canke ikintu kinaka.

Ariko igihe Ikintu nyaco gitegerezwa guhishurwa mu gihe c’iherezo, canke igice ca nyuma c’Ishengero, ni ho Imana Yavuze ko Yoturungikira, bijanye n’Ivyanditswe. Kandi twarabirondeye kandi dusesangura, ko Yavuze mbere y’igihe ko Mpwemu wa Eliya yogaruka mu muntu munaka.

Igihe umuntu munaka agerageza gukara no kutubwira ati, “hakenewe ibindi gusumba kwumviriza gusa amabande. MweneData Branham ntiyigeze avuga kuvuza amabande mw’ishengero. Hazokenerwa umukozi w’Imana wo gutunganya Umugeni,” canke ico ari co cose umuntu uwo ari we wese yoshobora kubabwira, kugerageza no kubatuma mukekeranya kurya kwumviriza Ijwi ry’Imana Ryemewe Riri ku ma bande mw’ishengero si vyiza…

Neza nk’umuntu atangura, agerageza kubakarira ; namba muzi aho guhagarara, mumenye ico yizeye.

Namba bavuga ko bizeye, “Ubu Butumwa ni Ijambo. William Marrion Branham ni intumwa mumarayika w’Indwi y’Imana. Ubu Bubumwa ni Icishimikizo Ntanyiganyizwa cabo. Ubu Butumwa ni Umwana w’Umuntu Yihishura ubwiWe mu mubiri nk’uko Yasezeranye ko Yobikoze…”

Neza nko gufata urukwavu maze ukarurekurira mu ruzitiro, kandi wazibiye imyenge yose. Guma ku muryango gusa; rutegerezwa kugaruka. Ni ivyo vyonyene. Warwugaraniyemwo. Murabona? Ruzotegerezwa kugaruka ku muryango ubugira kandi, kuko ni bwo buryo bwonyene rushobora gusohoka. Ruzocumita umutwe warwo ng’aha, kandi ruzohakwa kuvuna izosi ryarwo; no kuja hariya, hariya. Hagarara gusa maze urwitegereze, kandi ruzogaruka ubwo nyene. Murabona. Ni ivyo gusa.

Ni mugumane n’Inyigisho zo kw’Ibande. Muvuge gusa ico amabande avuga. Ntimuhindure Ijambo Rimwe. Ntimwongereko, canke mukureko Ijambo. Ni Ijwi ry’Imana kuri mwebwe. Ni Ijambo Ryihinduye umubiri. Ni Amajambo yo kutihenda. Ni umwungere wanyu. Umumarayika wiWe ariko arabarongora. Ni Niko Uhoraho Agize.

Mu gihe cose turi muri rirya Jambo, turi mu mutekano.

Ni muze dutegure amatara yacu kandi tuyuzuze Amavuta kuri uyu w’iyinga isasita kw’isaha y’i Jeffersonville (isamoya y’ijoro kw’isaha y’i Burundi), mu gihe umumarayika Yatoranijwe n’Imana azoturagara kandi akamena Agashashara ka Gatatu, ubutumwa bwavuzwe kw’igenekerezo rya 20 ntwarante umwaka wa 1963, maze akagahishurira Umugeni waYo.
MweneData Joseph Branham.

Ivyanditswe vyo gusoma mu kwitegurira ubutumwa « Agashashara ka Gatatu. »
Ivyanditswe :
Matayo 25 :3-4
Yohana 1 :1
Yohana 1:14
Yohana 14:12
Yohana 17:17
Ivyakozwe n’Intumwa igice ca 2
1Timoteyo 3:16
Abaheburayo 4:12
Abaheburayo 13:8
1Yohana 5:7
Abalewi 8:12
Yeremiya igice ca 32
Yoweri 2:28
Zekariya 4:12

22-0130 Agashashara ka Mbere

Ubutumwa: 63-0318 Agashashara ka Mbere

Kuvoma Ubutumwa

Ibimenyeshejwe Ibimenyeshejwe ku bijanye n’ugusobanura mu zindi ndimi bikorerwa muri Branham Tabernacle

Mukunzi Mwamikazi w’Ijuru,
Jewe, Umwami WaWe, Ngiye Guturagarira kuri WEWE kuw’iyinga kandi NDAKUBWIRE, ko URI Umugeni WaNje. NaraGutoranije. NaraGucunguye. NaraGutsindanishirije kandi nashize amazina yawe mu Gitabu c’Ubugingo c’Umwagazi w’Intama imbere y’intanguriro ry’isi. URI Umwamikazi waNje Mukundwa.

Nararindiriye kandi naraKurindiriye ku buryo noshobora gushumbusha ivyo Adamu waNje wa mbere yatakaje. Iragi rwiwe ryose yatakaje. Ugufatanya kwiwe kwose n’uburenganzira ku Bugingo. Naramuhaye ubugenduzi bwuzuye, burengeye vyose kw’isi. Yari imana y’isi nk’uko Ndi Imana y’ibiriho vyose.

Yari afise isi munsi y’ubugenduzi bwiwe bwite. Yashobora kuvuga, yashobora kwita izina, yashobora guhagarika ibidukikije, yashobora gukora ico ari co cose yashaka. Ariko yabitakaje vyose.

Ubu, nk’uko naGusezeranije mw’Ijambo RyaNje, narashumbushije ivyo yatakaje vyose kandi narabiKugarukaniye. Vyaracunguwe. Itunga ryose ryemewe n’amategeko ry’ivyari vyaratakajwe na Adamu ubu ni RWAWE. Itunga ryemewe n’amategeko kuri ico cemezo kitabonwa n’amaso c’inyegu y’Ubugingo Budashira, bisigura ko ubu Utunze ikintu cose Adamu yatakaje.

Nacitse umuvyeyi wawe Mucunguzi. Nishuje ivyari ivyaNje. Nakuye igitabu c’incungu mu Kiganza ca Data, namenaguye udushashara mu gitabu kandi nakirungikiye intumwa mumarayika w’indwi wanje kukiGuhishurira. Azogarukana kuri WEWE Ukwizera kwa Bibiliya y’inkomoko kandi azoGuhishurira amabanga yaNje.

Naremeje kandi naragaragaje ibi bintu kuri wewe muri Adamu waNje wa mbere yashumubushijwe rwose ; Umumarayika w’indwi waNje intumwa muhanuzi. Yashobora kuvuga maze akarema inkezi, agasubiza ubuzima ifi, akagenzura ibirere kandi agasubiza ibihuhusi aho vyavuye. Yashobora kuvuga maze akazura abapfuye. Mfise n’ifoto nafatiwe hamwe nawe yo kwereka isi, ko uyu ari Adamu waNje yashumbushijwe, ni mumwumvirize. Ubu WEWE, Mmwamikazi waNje, wegukiye ivyo Adamu yatakaje vyose.

Mwibuke, umumarayika ntumwa w’indwi waNje azoba ari kwisi mu gihe c’Ukuza kwaNje. AzoKunyereka. Irya nzamba ya nyuma izosamirana hanyuma abapfiriye muri Kristo bazozuka. Abazoba bakiriho kandi basigaye bazozamuranwa hamwe nabo, kuNsanganira mu kirere mu mwanya umwe, urya mumarayika w’indwi ariko aratanga Ubutumwa bwiwe. Agashashara ka nyuma karuguruwe. Irya nzamba ya nyuma izovuga ; Nzoza Nishuze ivyanje, WEWE, kandi rero NzoGutwara mu mazimano y’Ubukwe BWACU.

Mwamikazi Wanje Mukunzi, ngw’ino Unyumvirize Mvugane naWe kandi NdaGuhishurire ikintu cose ukeneye. NaraKubikiye izi Mfungurwa ku buryo Woshobora gucika Umwamikazi Wanje. Nzoba Mvugana naWe isasita kw’isaha y’i Jeffersonville, (isamoya kw’isaha y’i Bujumbura) aho Nzoturagarira kuri WEWE Agashashara Ka Mbere, Ubutumwa bwavuzwe kw’igenekerezo rya Ntwarante umwaka wa 1963.
MweneData Joseph Branham.

Ivyanditswe vyo gusoma mu kwitegurira kwumviriza Ubutumwa :
Matayo 10 :1
Matayo 11 :1-14
Matayo 24 :6
Matayo 28 :19
Yohana 12:23-28
2Ab’I tesalonike 2:3-12
Abaheburayo 4:12
Ivyahishuriwe Yohana 6:1-2
Ivyahishuriwe Yohana 10:1-7
Ivyahishuriwe Yohana 12:7-9
Ivyahishuriwe Yohana 13:16
Ivyahishuriwe Yohana 19:11-16
Malaki 3
Malaki 4
Daniyeli 8: 23-25
Daniyeli 11:21
Daniyeli 9:25-27

22-0116 Imana Yihisha Mu Biciye Bugufi Hanyuma Ikihishura Muri Ivyo Nyene

Ubutumwa: 63-0317m Imana Yihisha Mu Biciye Bugufi Hanyuma Ikihishura Muri Ivyo Nyene

Kuvoma Ubutumwa

Ibimenyeshejwe Ibimenyeshejwe ku bijanye n’ugusobanura mu zindi ndimi bikorerwa muri Branham Tabernacle

Mukunzi Busho Buto bwa Eliya ,
Turi abantu biharije, b’utuzeze kandi batangaje kw’isi, no kubizera benshi, ariko yamara, turi ubuherezi bwa mpwemu, ihanga cami, ritanga ibimazi vya mpwemu ku Mana, n’ivyamwa vy’iminwa yacu ihimbaza Izina ryiwe. Dushaka kubwira isi y’uko duhimbawe cane , dukenguruka cane, kandi twagiriwe ibakwe ryo kuba umwe muri Bo .

Twaragurishije utundi tubuyenge twacu twose , nk’uko Yaduhaye akabuyenge k’igiciro gihambaye , Uguhishura kwiwe bwite. Tubona Ijambo ry’Imana Rigaragajwe . Isezerano ryo mu minsi yanyuma , Imico yo ku kagoroba yaritegekanijwe kwakaka.

Vyarahishuriwe ibwina mu mitima yacu y’uko Ijwi twumviriza kuri bande ari Umwana w’Umuntu yihishura Ubwiwe. Iryo Jwi Ryaratubwiye riti : Guma ng’aha, itegereze ibi bifungurwa bishinguwe Nashize ku mabande ku bwanyu. Namba mufise ibibazo , nimwisunge aya mabande . Bishobora kuba ari ibibazazaniye gato, ariko nimuvuze ibande maze mwumvirize mu bwitonzi . Namba uri Umugeni , Mpwmeu Yera Azobiguhishurira. Mwibuke , aya mabande ntakeneye insobanuro, vuga gusa ibiri ku mabande . Ndi umwungere wanyu, kandi muri ubusho buto bwanje , gumana n’inyigisho zo kuri bande.

Ndazi benshi ntibatahura ivyo turiko turakora mu kwumviriza Ubutumwa twese mu mwanya umwe, ariko ivyo ni vyiza, baracari BeneData na Bashiki bacu kandi turabakunda, ntitwonigera tubarwanya. Umwe wese ategerezwa gukora nk’uko arongowe n’Umwami gukora . Imana Irakora kandi Irongora abantu ku giti cabo.

Umuhanuzi yatubwiye y’uko dutegerezwa gusuzumisha Ijambo ikintu cose, kandi kikagaragazwa n’Ijambo, ariko nk’uko yabikoze. Ijambo ry’uno munsi ryamye , ari Bibiliya . Bibiliya itubwira y’uko mu minsi ya nyuma,ko Yohishuye ivyahishijwe n’amabanga yose ari muri Bibiliya Yiwe kubwo Umuhanuzi Azorungika. We ubwiwe azovuga biciye muri uyu muhanuzi kandi yigaragaze ubwiwe mu mubiri nka kurya yabikoze kuri Aburahamu. Ijambo ryiwe ntirizoba amajambo y’umuntu , ariko Rizoba amajambo y’Imana ubwayo. Rizoba ari NIKO UHORAHO AGIZE, hanyuma Bibiliya n’iryo Jwi bizoba ari kimwe, kandi co kimwe.

Hariho ubwina buhamagara ubundi bwina mu mitima yacu mu kwumviriza iryo Jwi ryagaragajwe. Dushaka kwumviriza Ijwi ry’Imana neza na neza Rivuye ku muhanuzi wayo yahisemwo.Hariho urukundo mu mitima yacu mu kwumviriza iryo Jwi no kunezerwa hanyuma dutegerezwa kumenya y’uko tutabwirizwa kwibaza ku kintu cose twumviriza, ariko dutegerezwa kwizera IJAMBO RYOSE.

Ntahandi hantu dushobora gukorera ivyo. Nta muntu yotubwira ikintu c’ikinyoma canke ngo atuzimize, nkaho nabo bafise Mpwemu , ariko turazi y’uko boshobora kutubwira ikintu c’ikinyoma bitabavuyeko. Ariko igihe twumviriza Ijwi ry’Imana Ryagaragajwe kuri bande , naho tutotahura ibivurwa, Papa Imana Yavuze y’uko dutegerezwa gusa kuvuga AMEN, TWIZERA IJAMBO RYOSE. Ntidushora gukora ivyo ku rindi Jwi.

Twategetswe n’iryo Jwi ubugira kandi ati :

Ntimunyumvirize; ariko umviriza ivyo navuze. Ivyo navuze ni Ubutumwa. Ntukamerere magabo intumwa ; Hanga amaso Ubutumwa. Gumiza amaso yawe, atari ku ntumwa, ariko ku Butumwa. Ico Buvuga , nico kintu co kwisunga.

Ivyo yavuze ni Ubutumwa bw’igihe. Dutegerezwa kugumiza amaso ku Butumwa ; Nico kintu co kwisunga nyene.

Iriko Iraduhishurira ibintu Itigeze Ikora mbere. Ubutumwa bwose twumviriza bwumvikana ari bushasha nk’uko tutigeze twubwumviriza. Naho twoba twabwumvirije incuro amajana mbere, ntidushobora kubisiguro, ni nk’uko tuba turiko turabwumviriza ubwa mbere kandi Iriko Iratwihishurira birushirije.

Ntidutahura umuntu adashaka kwumviriza ubu Butumwa hamwe natwe. Hariho Ubumwe no kuba hamwe n’Umugeni n’Ijambo. Ntitwigeze kugira uguhazwa nk’uku mu buzima bwacu.

Twiteze ibintu bihambaye ubugira kandi. Ni nk’uko umenga Udushashara niho tugihishurwa. Igiye uzotwereka ibintu tutigeze tubona mbere maze Idutahuze ibintu twumvise incuro nyinshi mbere ; ariko ubu , tuzoBibona kumugaragaro.

Turazi y’uko ikintu cose dukeneye kubwo ukuza kw’Izamurwa ryiWe ryegereje , ari iryo Jwi riri ku mabande.

Imana Yarungitse umuhanuzi waYo kubwo iyerekwa ku ruhande rw’ubugararwa muri Arizona aho yabonaniye n’abamalayika ndwi, hanyuma rero yamurungitse ubugira kandi I Jeffersonville guhishurira Umugeni amabanga ahishijwe y’Udushasha Ndwi .

Muze kwifatanya natwe mu gihe Imana Izoba Iriko Iravugana natwe umunwa ku gutwi kuri uyu w’iyinga kw’isaha zine zo mugatondo, kw’isaha ya Jeffersonville(ari zo saha cumi n’imwe mu Burundi), kandi tuzokwumviriza : Imana Yihisha mu biciye bugufi , hanyuma Ikihishura ubwayo muri ivyo nyene 63-0317M.

Kwumviriza Ubutumwa tuzotangurira ku gace ka 94, inyuma y’igikorwa co gushikanira Imana urushengero
MweneData Joseph Branham

1 Ingoma 17 : 1-8
Yesaya 35 :8/40 :1-5/53 :1
Malaki 3
Matayo 11 :10, 11 :25-26
Yohana 14 :1-6
1Ab’ikorinto13
Ivyahishuriwe yohana 21