Category Archives: Uncategorized

23-0226 Akayungiro K Umuntu Yiyumvira

Ubutumwa: 65-0822e Akayungiro K Umuntu Yiyumvira

Kuvoma Ubutumwa

Ibimenyeshejwe Ibimenyeshejwe ku bijanye n’ugusobanura mu zindi ndimi bikorerwa muri Branham Tabernacle

Bakunzi Koraniro rya MweneData Branham,

Nashaka gutumira isi yose kwifatanya natwe ku buhinga bwa Telefone kuri uwu w’iyinga kw’isaha zitandatu ku muhingamo, Isaha ya Jeffersonville (akaba ari isaha imwe y’ijoro hano mu Burundi), nk’uko twebwe Inkukuma dukoranira hamwe, buri birometero kwadarato 519 muri rimwe mu mashengero y’umuhanuzi. Tuzoba turiko turumviriza Imana Ivugira mu ntumwa mumalayika w’Indwi waYo kandi Itubwira.

Ubu Butumwa, n’ubundi Butumwa navuzeko, bwerekeye ikoraniro ryanje . Si ubwo ikoraniro ryawe kiretse bashaka kubwakira. Ariko bwerekeye aba bantu hano.

Iriko Iravugana natwe, , ikoraniro ryaYo, IMANA ISHIMWE. Si kuri mwebwe muvuga muti,” MweneData Branaham ni umuhanuzi, ariko si umwungere wanje. Umwungere wacu avuga yuko kuvuza Bande mw’Ishengero bitajanye n’Ijambo ry’iki gihe.” Umwungere wacu atubwira yuko dutegerezwa kumwumviriza. Bijanye n’Ijambo , aba ariko araturongora kubwa Mpwemu Yera ubu.”

Umuhanuzi abwira mwebwe n’umwungere wanyu.

Ku bakozi b’Imana abo ari bo bose, mu kibanza ico ari co cose, umwanya uwo ari wo wose, ibi ntivyerekeye inyigisho zanyu, ibi ntibinerekeye intama zanyu.

Ntidushaka gutongana namwe BeneData na Bashikibacu. Turabatahura, Si ivyanyu, ariko ni ivyacu, twebwe twizera yuko Mpwemu Yera yashizeho Intumwa Mumalayika w’indwi waYo kugira ngo atubere umwungere kandi aturongore, Ishengero ryiWe. Twizera yuko kuvuza Amabande ariyo NZIRA YONYENE Y’UKURI. Muri mukuri kandi muriko mukora ivyo Umuhanuzi yababariye gukora:

Kandi nama ndabisunga, namba ari abanywanyi b’ishengero rinaka, ”Nimurabe umwungere wanyu.”

Mutegerezwa gukora uko umwungere wanyu avuze.

Rero ubugira kandi umuhanuzi abwiye umwungure wanyu, kugira gusa atahure neza.

Rero, Mwungere, nshaka yuko umenye ivyo, ibi bintu ndabibwira gusa ishengero ryanje. Kandi ndafise uburenganzira bwo gukora ivyo, kuko nashizweho na Mpwemu Yera kugira ndagire izi ntama.

Yaturungikiwe kugira atwitwararike , intama zayo; abo Imana Yashize mu MWITARARIKO WAYO. Mpwemu Yera ni umwungere wacu kandi aturongora buri munsi kubwo Ijwi ryiWe ryagaragajwe.

Ibi nivyo Umwami ariko araturongora gukora. Ntitubarwanya canke umwungere wanyu, canke uko murongowe n’Umwami gukora. Umuntu wese ategerezwa gukora uko yumva arongowe n’Umwami gukora ibijanye n’Ijambo.

Dufise akayungiro kamwe, UBU BUTUMWA. Ikintu cose twumviriza gitegerezwa gucishwa muri ako kayungiro. Iryo Jwi twumviriza kuri Bande niryo jwi gusa dufitiye icizere ijana kw’ijana yuko ari NIKO UHORAHO AGIZE.

Murizera yuko ukwo gusirwa kuri kuri abo bantu yuko ari ugusirwa kwa Mpwemu Yera? Ego, mugenzi, Mpwemu Yera w’ukuri w’Imana kuri uwo muntu ariko naho bimeze uko, abo ni aba nyakinyoma.

Amerekero yacu y’ibihe bidashira yisunga ivyo WE YAVUZE KURI BANDE, Atari ivyo uwundi muntu canke umugwi w’abantu bavuga. Rero, ntidushobora, kandi ntituzokwumviriza uwundi. Ni gute uwundi muntu yobahatisha?

Nimuze mwifatanye natwe kugira ngo mubone wa munsi ko uriko uregereza.

Abantu barashobora kwicara mu mazu yabo canke … yabo bagakoranira mu bibanza vyabo , amashengero yabo, n’ibindi hanyuma bakumviriza igikorane.

Ivyo, Bagenzi , bijanye n’umuhanuzi w’Imana, Atari insobanuro y’uwundi muntu y’ivyo Bibiliya ivuga, ariko adukoraniriza hamwe, hirya no hino y’Ijambo kugira ngo tubone yuko wa munsi uriko uregereza.

Ni akahe kamaro k’ubwato butarimwo Imana? Ni ikarato y’ibiti gusa, imeza z’amabuye.

Nimuze mwifatanye natwe igihe twumviriza akayungiro kateguwe n’Imana, mu gihe atuzanira Ubutumwa: Akayungiro k’Umuntu Yiyumvira 65-0822E.

MweneData Joseph Branham

Suzuma ivyo muriko murarwanira. Suzuma igituma muri hano. Suzuma igituma muja kw’ishengero. Ikibatuma mu… Ni vyiza kuja kw’ishengero, ariko kuja kw’ishengero vyonyene; sivyo bizogucungura

23-0219 Kristo Yihishura mw’Ijambo ryiWe bwite

Ubutumwa: 65-0822m Kristo Yihishura mw’Ijambo ryiWe bwite

Kuvoma Ubutumwa

Ibimenyeshejwe Ibimenyeshejwe ku bijanye n’ugusobanura mu zindi ndimi bikorerwa muri Branham Tabernacle

Busho buto bwanje,

Ndabaramukije hamwe na mwebwe muri kuri ubu buhinga bwa Terefone,bikaba ari vyiza, vyiza cane. Ndashimira Umwami yuko mushobora kwicara mu mazu yanyu, mugakoranira mu bibanza vyanyu, amashengero yanyu, hanyuma mukumviriza Igikorwa. Aho ari ho hose Ijwi ryanje rizanana, uwo mugwi mutoya uragahezagirwa.

Uyu munsi, nshaka kubandikira ikete ritoya ry’urukundo rivuye ku mutima kugira ngo ndabatere intege. Muri abo Imana Yatoranije kugira mube Umugeni waYo imbere yuko isi

ishirwaho ; mwebwe mwumviriza izi Bande. Narababwiye incuro nyinshi, izi Bande ni izanyu gusa, muri ishengero ryanje. Sinjejwe ivyo Imana Yahaye abandi bakozi b’Imana kugira ngo barongore intama ; njejwe ubwoko bw’imfungurwa ndabagaburira. Izi Bande ni izanyu, ishengero ryanje gusa, ico Imana yampaye nk’umwungere. Ni Manu ihishijwe, uwundi ntashobora kuyakira.

Rero, namba abantu bamwe bashaka kuvangatiranya ibimfungurwa hamwe n’ibindi bintu hariya, bareke baronke uguhishurirwa kuvuye ku Mana hanyuma bakore ivyo Imana ibabarira gukora, bagabure kuvyo bipfuza. Nzokora ico kintu nyene. Ariko Ubu Butumwa ni ubwanyu gusa.

Ndiko ngerageza uko nshoboye kugumana n’Ijambo, kuri mwebwe mwanshizwe mu biganza vyanje n’Imana, kuko intama zikeneye imfungurwa z’Intama. « Intama zanje zumva Ijwi ryanje. » Kandi ivyo nivyo bitubeshejeho, Ijambo ryose ryavuzwe. Atari Ijambo rimwe na rimwe ubu n’ikindi gihe, ariko Ijambo ryose rivuye mu kanwa k’Imana. Ivyo nivyo mwebwe abera bibabeshejeho.

Umuntu wese arafise ikintu kinaka agumije. Ikintu kinaka gitegerezwa kuba inkingi, mu yandi majambo, icishimikizo ca nyuma. Kandi umuntu wese ategerezwa kugira icishimikizo ca nyuma canke icishimikizo ntanyiganyizwa. Kuri jewe, hamwe no kuri abo nizigiye yuko ndiko ndongorera kuri Kristo, kandi kubwa Kristo, Bibiliya ni icishimikizo ca nyuma.

Rero, turatahura yuko Imana Yarungitse abahanuzi baYo. Ubwo nibwo buryo Ifise bwo kuzana Ijambo ryaYo ku bantu, biciye mu kanwa k’
umuhanuzi waYo. Ubu muri iyi minsi ya nyuma, Yasezeranye ubwaYO kugaragarira mu kunengesera ubugira kandi, mu mubiri waYo , mu Mpwemu.Ni Imana ubwaYo mu nyuguti, mu muhanuzi, Yigaragariza mu mubiri.

Ntegerezwa kwibera vy’ukuri mu nyonga z’Umwanditsi mfise ikaramu niteguriye buri gihe kwandikai ico ari co cose Yovuga. Ivyiyumviro vyanje vyisunga ivyiyumviro vyiWe; Atari ivyo umuntu yiyumvira, ivyo igihe ciyumvira, ivyo ishengero ryiyumvira, ivyo ubwami bwiyumvira . Ivyiyumviro vy’Imana vyonyene gusa! Ngaragaza gusa ivyiyummviro vy’Imana mu buryo bw’Ijambo.

Igihe Imana impishuriye ivyiyumviro vyaYo, ndabibagariza mw’Ijambo ryo kuri Bande nti,” UKWO NIKO UHORAHO AGIZE.” Ntabwo ari ,” UKO Niko jewe ngize.” Ni,” UKO NIKO UHORAHO AGIZE!” Noshobora gusa kubisobanura uko Umwanditsi anyemereye kubibasobanura; kuko ni Ijambo ry’Imana Ritananirwa.

Hariho abandi benshi bagerageza kunyigana, nk’abapatiri, n’abandi. Hanyuma bakora iki? Bazana uruzazane, nta kindi. Ntiboshobora kubikora. Imana Yarandungitse, umuhanuzi waYo, kugira ngo ndongore Umugeni ; si uwundi muntu, canke si n’uwundi mugwi w’abantu.

Amajambo mvuga, kandi uko nkora, bizohumisha abandi, ariko bizokwugurura amaso y’abandi. Anyambara mu bwoko bw’ikanzu nokwambaye, kamere yanje, ivyipfuzo vyanje, ikintu cose gusa uko ntegerezwa kuba. Yarampisemwo vy’ukuri kubwanyu . Abandi bohagarara hanyuma bakitegereza maze bakavuga bati,” Rero, sinshobora. Hariho… Si-sinshobora kubona.” Ni impumyi.

Izobihishurira abo Yobihishuriye. Imeze ukuntu kuburyo yinyegeza ubwaYo mu Vyanditswe, ku munyabwenge w’umunyatewolojiya. Ishobora gusa kwinyegeza ubwaYo, Ikibera hariya mu Vyanditswe, kandi bagashobora kuharaba umusi wose hanyuma ntibaYibone; bakitegereza ubuzima bwabo bwose , yamara ntibaYibone. Ishobora gusa kwinyegeza ubwaYo, Yibereye hariya.

Ikintu ngirakamaro ubu ni abo bakiriye Ubutumwa mu mitima yabo, bategerezwa kwibera mu nyonga z’Umwana, kugira ngo bere. Fyonda muvuze hanyuma mureke Umwana Aturire ukutera kwose muri mwebwe, mu kubagira Abakristo babushitse.

Igihe yaza ubwa mbere, yari umuntu. Igihe yaza ubwa kabiri; afise imigabane ibiri, yari umuntu. Igihe yaza mw’ishusho ya Yohana Umubatizi, yari umuntu. Yasezeranye kuza muri iki gihe kandi ngo Abeho Yongere Yihishure ubwiWe ubugira kandi
mu muntu; Umwana w’umuntu agerereye mu mubiri w’umuntu.

Ubu turi mu gihe c’Ijisho, c’ubuvugishwa , ca Malaki 4. Nta kindi kintu gisigaye gushika kiretse We ubwiWe Ategerezwa kuza guhagarara muri vyo, kuko ico nico kintu canyuma .

Nimwumvirize mwa myagazi y’intama yanje mitoya mwe, mwebwe abo Imana Yampaye kubera umwungere. Nta gihe gisigaye. Agiye kuza vuba kuri mwebwe, Umugeni waYo. Nimugumane n’izi Bande, ntizikeneye insobanuro.

Ndatumiye mwebwe Nkukuma ntoya kuza kwifatanya nanje hamwe n’ikintu kimwe gusa kizoshobora guhuriza hamwe Umugeni waYo kuri uwu w’iyinga, isaha zitandatu z’umuhingamo , isaha ya Jeffersonville(isaha imwe y’ijoro hano mu Burundi). Muzokwumviriza NIKO UHORAHO AGIZE mu gihe Imana Ivuga Iciye muri jewe maze Igahishura : Kristo Yihishura mw’Ijambo ryiWe Bwite 65-0822M.

Mwibuke, GUMANA N’IGIKORWA CA BANDE. FYONDA UVUZE BURI MUNSI.

MweneData Branham.

Ivyanditswe vyo gusoma imbere yo kwumviriza Ubutumwa:

Kuvayo 4:10-12
Yesaya 53:1-5
Yeremiya 1:4-9
Malaki 4:5
Luka 17:30
Yohana 1:1/1:14/7:1-3/14:12/15:24/16:13
Ab’I Garatiya 1:8
2 Timoteyo 3:16-17
Abaheburayo1:1-3/4:12/13:8
2 Petero 1:20-21
Ivyahishuriwe Yohana 1:1-3/10:1-7/22:18-19

23-0212 Kandi Ntavyo Uzi

Ubutumwa: 65-0815 Kandi Ntavyo Uzi

Kuvoma Ubutumwa

Ibimenyeshejwe Ibimenyeshejwe ku bijanye n’ugusobanura mu zindi ndimi bikorerwa muri Branham Tabernacle

Mukunzi Mugeni Urindirijwe,

Kandi ndazi ko inyuma y’uko nzoba maze kugenda mva muri iyi si, aya mabande n’ibi bitabu bizobandanya kubaho, kandi benshi muri mwebwe bana batoya, muzobona mu minsi izoza, ko ari neza na neza ukuri, kuko ndabivuze mw’Izina ry’Umwami.

Ni muze mukoranire hamwe na twebwe Inkukuma, kuri uyu w’iyinga isaha zitandatu kw’isaha ya Jeffersonville (isaha imwe y’ijoro mu Burundi), mu guhe tuzokwumiriza Ubutumwa –Kandi Ntavyo Uzi Bwavuzwe kw’Igenekerezo rya 15, Ukwezi kw’Umunani Umwaka w’1965.

MweneData Joseph Branham

23-0205 Ibintu Bishika Bisigurwa N Ubuvugishwa

Ubutumwa: 65-0801e Ibintu Bishika Bisigurwa N Ubuvugishwa

Kuvoma Ubutumwa

Ibimenyeshejwe Ibimenyeshejwe ku bijanye n’ugusobanura mu zindi ndimi bikorerwa muri Branham Tabernacle

Bakunzi Hanga ry’igihe,

Data ,turaGukunda cane. Mbega ni gute twotangura kugaragaza uko twiyumva ? Waraduhisemwo, waradutoranije, hanyuma wahindutse Umuntu muzima kugira ngo utange Ubugingo bwawe kubwacu.

Wanditse ivyiyumviro vyawe biciye ku Bahanuzi, kugira ngo dushobore kuronka Ijambo ryawe. Rero, nk’uko wasezeranye, waragarutse ubugira kandi, Wihishura ubwaWe mu mubiri w’umuntu kubwo ibintu bishika bigasigurwa n’ubuvugishwa, kugira usigure kandi uhishure Ijambo ryawe.

Kubwo uguhitamwo kwaWe bwite, wahisemwo William Marrion Branham kugira ngo abe umuntu w’igihe. Wamuhisemwo kuguira ngo atume tumera magabo. Watiriganije ibiganza vyiwe. Watwaye amaso yiwe mw’iyerekwa. Nta kintu na kimwe yari gushobora kuvuga kiretse ico Wamweretse.

Nta kintu na kimwe yari gushobora kuvuga kiretse ico Washize mu kanwa kiwe. Ni We waganza ururimi rwiwe, intoki ziwe, n’ibihimba vyose vy’umubiri wiwe. Yari yuzuye ububasha bwaWe.

Rero, kubwo uguhitamwo kwawe ubugira kandi , waduhisemwo kugira tube ihanga ry’igihe. Umugwi wawe w’inkehwa ukoranye kubwo ugusirwa kw’Ijambo, gutanga ubugira kandi, Ubugingo bwa Yesu Kristo. Turi Ijambo ryawe twifatanya n’Ijambo. Nta kindi kintu twoshobora gukora.

Data, dushaka kuba mu Bugombe bwawe butunganye ; nta kindi kintu c’ingirakamaro kuri twebwe. Ntidukeneye ivyiyumviro vyacu, ivyo twibaza, canke ivyo uwundi muntu avuga, dukeneye gusa Ubugombe bwawe.

Twaragiye kw’Ijambo ryawe kugira tubone ivyo Wavuze twokora kugira ngo tube Umugeni wawe. Wavuze yuko umusi umwe uzocira urubanza isi ukoresheje Ijambo ryawe. Watubwiwe yuko Ijambo ryawe Riza GUSA ku Bahanuzi, abatoranijwe kandi bakagenwa naWe.

Watubwiye yuko Ritigera riza ku Munyetawolojiya canke umugwi w’abantu, kiretse gusa ku Muhanuzi wawe. Azoba umusiguzi waWe wenyene w’Ijambo ava ku Mana. Si ivyiyumviro vyiwe, ivyo yibaza, insobanuro yiwe, ariko Uvuga Uciye muri we, Ugasobanura Ijambo ryaWe bwite.

Mu gihe cose, abantu barareka abantu bagashira insobanuro yabo bwite kw’Ijambo ryaWe, hanyuma vyaca bibahumisha. Hakoreka ca kintu nyene Abafarisayo n’Abasadukayo bakora. Iyo niyo mpamvu abantu Bibananira gutahura uyu musi. Bariko bumviriza ivyo uwundi
muntu yavuze, aho kwumviriza Ijambo nk ‘uko Umuhanuzi wawe yababwiye gukora.

Wavuze, ubwa mbere ndungitse Ijambo ryanJe, rero asangwa abantu batazokwizera Ijambo ryanJE , rero ndabarungikira Igikorwa c’ivugabutumwa. Kandi wavuze y’uko mu gihe cose Igikorwa c’ivugabutumwa carononekara ; atari kuri bose, ariko kuri benshi muri bo, hanyuma bagaca birongorera abantu ubwabo. Dukeneye kuba mu mugambi waWe w’inkomoko.

Bitera uruzazane rwinshi, abakozi b’Imana ntibashobora kwemerana hagati yabo. MweneData munaka ntashobora kwemeranya n’uwundi MweneData ;
MweneData uyu ntashobora kwemeranya n’uwundi MweneData. Ntibashobora guhuza hagati yabo. Gusa bamera nkabahuriye ku kintu kimwe, Ntidutegerezwa kuvuza Bande mw’Ishengero.

Ni Babuloni ubugira kandi, bizana uruzazane rwinshi, Twizera y’uko hariho gusa inzira imwe kandi dutegerezwa kwikebagura kugira ngo duce muri iyo nzira, si ukugerageza gukebagura iyo nzira kugira ngo itubere.

Harabonetse abakozi b’Imana bahagurutse bafise ivyiyumviro vyabo bwite, insobanuro yabo n’inyigisho zabo bwite. Bose ntaco bashitseko. Harabonetse abakozi b’Imana bahambaye bagenywe bahagurutse bavuga yuko bariko barigisha kandi bavuga Ubutumwa bw’igihe, hanyuma ngo igikorwa c’ivugabutumwa cabo ni inzira yateguwe n’Imana kubwo iki gihe, atari Amabande.

Bafise abantu babizigirwa bagenda kumashengero yabo , babumvirije imyaka n’ imyaka. Bafise abakozi b’Imana babagendera, ibikorane, imivyuro, bigisha, bavuga y’uko ivyo bavuga ko ari Inzira yaWe wateguye, atari Amabande. Rero umusi umwe bazovuga y’uko Ubutumwa atari Ukuri.

Boba batariko barasuzuma ivyo yavuze kuri Bande ? Boba bariko barafata ko ivyo yavuze ari Ijambo, Inzira yateguwe n’Imana kubwo iki gihe ? Iyoba yovugije Bande, Ijwi ryawe ryagaragajwe kubwo abantu, aho kwigira ubwabo Ijwi nyamukuru , botegerejwe kumenya y’uko ico bariko barumviriza ko ari icasizwe c’ikinyoma mu nyigisho y’igihe ca nyuma.

Ivyo ntibisigura yuko mudakeneye umwungere. Ntibisigura yuko bose ari abungere basizwe b’ibibinyoma . Ntibisigura yuko hariho benshi bigisha neza na neza ivyo MweneData Branham yavuze. Bisigura yuko ikintu c’ingirakamaro kuruta ibindi vyose mutegerezwa kwumviriza, ni Ubutumwa kuri Bande; Ni co conyene ari NIKO UHORAHO AGIZE.

Ni ikintu co kwisungwa. Ni Icishimikizo ntanyiganyizwa. Ni Ijambo rya nyuma. Ni ryo Jambo ryonyene Ritunganye. Mu gihe umwungere, umurongozi wanyu wo muri mpwemu, atariko arumviriza Iryo Jambo ritunganye n’abantu biwe, ikintu kinaka kizogenda nabi.

Kubera iki igikorwa c’ivugabutumwa kitovuza Ijwi ryaWe ryagaragajwe mu mashengero yabo ? Ni gute bovuga yuko ari ikinyoma mu gihe bavuga yuko bizeye ko ari Ijambo ? Ni kuki bazana ivyitwazo vyose hanyuma bakavuga yuko ivugabutumwa ryabo ari inzira yawe wateguye kubwo iki gihe, atari Ijwi ryaWe ryagaragajwe kuri Bande ?

Kuko batera ubwoba abantu bavuga ngo ni kubera tuvuga tuti, « FYONDA UVUZE. » Mu kwumviriza Ijwi ryawe, ngo turiko turasenga umuntu, ngo si wewe uriko uravuga biciye muri uwo Muntu ?

Dusenga WEWE WENYENE DATA . Twarabisuzumye n’Ijambo ryawe twitonze. Utubwira biciye mu muhanuzi wawe kuri buri Butumwa twumviriza kuri Bande uti : Ni inzira yawe wateguye kubwo iki gihe gusa.

Ni hehe handi Umugeni wawe yogenda kiretse neza na neza kw’Ijambo ryaWe. Turi Umugeni Jambo Nkumi waWe. Dutegerezwa kugumana n’inkingi y’umuriro yaWe. Niho hantu honyene twoshobora guhazwa turi, maze tukavuga amen kuri buri Jambo twumvirije.

Data, TuraKubona hanze y’Ishengero ryawe uriko uragerageza kwinjira, kandi bijanjagura umutima wacu. Umunyororo wo kugaza uri imbere kandi twaruguruye urugi kugira ngo winjire. Nta kindi kintu tuzi. Nta kindi kintu dukeneye. Ntidushobora gufata n’ikindi kintu. Twibungenze Ijambo ryawe.

Urakoze Data kubwo Uguhishurirwa kw’Ijambo ryawe. Ntiturwanya umuntu n’umwe, turi gusa Ijambo ryawe ryasiguwe n’Ubuvugishwa. Tuzohagarara imbere yawe umusi umwe mu rubanza. Hamwe n’imitima yacu yose dushaka kuvuga tuti, « Data, twagumanye n’Ijambo ryawe. »

Tera intege umwungere wanyu, umurongozi wanyu wo muri mpwemu , ngo afyonde avuze uwu w’iyinga hanyuma mwumvirize Ijwi ry’Imana. Muzocirwa urubanza umusi umwe n’ivyo Ijambo ry’Imana Rivuga kuri Bande. Ni gute woguza amahirwe yawe n’ikindi kintu ?

Murahawe ikaze, muze kwifatanya natwe kuri uwu w’iyinga isaha zitandatu z’umuhingamo, kw’isaha ya Jeffersonville (isaha imwe y’ijoro mu Burundi), hanyuma mwumvirize : Ibintu bishika bigasigurwa n’ubuvugishwa 65-0801e, mu gihe Imana Yivugira iciye mu kanwa k’umuntu wayo Yahisemwo. Uwo yahaye ububasha bwayo ??, ingabire yiWe. Yamuhaye kamere yiwe, ukwo ameze, n’ivyo ari vyose, ukwo yigaragaza n’ico ari co cose akora. Yagize MweneData William Marrion Branham umuntu w’igihe kugira ngo acakire ihanga ry’igihe, kandi turi IHANGA RY ‘IGIHE.

MweneData Joseph Branham

Ivyanditswe vyo gusoma imbere yo kwumviriza Ubutumwa :

Itanguriro : 22 :17-18
Zaburi 16 :10/ igice ca 22/35 :11/41 :9
Zekariya 11 :12/13 :7
Yesaya 9 :6/40 :3-5/50 :6/53 :7-12
Malaki 3 :1/ Igize ca 4
Yohana 15:26
Luka 17:30/24:12-35
Abaroma 8:5-13
Abaheburayo 1:1/13:8
Ivyahishuriwe yohana 1:1-3/ Igice ca 10

23-0129 Imana YIki Gihe Kibi

Ubutumwa: 65-0801M Imana YIki Gihe Kibi

Kuvoma Ubutumwa

Ibimenyeshejwe Ibimenyeshejwe ku bijanye n’ugusobanura mu zindi ndimi bikorerwa muri Branham Tabernacle

Mukunzi Busho, Jambo, Nkumi ntoya ya Kristo,

Nta kindi kintu turi. Ntidushobora kwumviriza ikindi kintu. Nta kindi kintu tuzi. Ntidushaka ikindi kintu. Aho inyama nshasha ziri , FYONDA UVUZE, ari zo Jambo ry’igihe, aho inkukuma zizokoranira. Ijambo Riza muri twebwe nk’Ubugingo.

Ntitumeze nk’uwundi muntu uwo ari we wese! Muri ihanga ryitandukanije, Abera ku Mwami, bishikaniye Ijambo na Mpwemu w’Imana, kugira ngo bame Icamwa c’Isezerano ryiWe kubw’iki gihe. Ubu turiko turakura kandi twera kubwo kwumviriza Ijwi ry’Imana.

Umuhanuzi yatubwiye kwisunga izi Bande. Asangwa ufise iradiyo, shira umugwi hamwe hanyuma uYivuze, maze muheze mwumvirize mutekereje. Umviriza Ijwi ryiWe, ivyo Ariko Aratubwira. Ijambo ry’Imana ntirikeneye insobanuro, Irikorera insobanuro yayo bwite. Ndi Ijwi ry’Imana kuri mwebwe.

Kandi n’uku biri, nta Jambo na rimwe ryokwongerwako canke ngo rikurwe muri Bibiliya. Nimugumane n’iryo Jwi. “Uwo Ritazi ntibomukurikira,”

Ni gute umuntu adashobora kubona inzira yateguwe n’Imana iki gihe? Ariko Imana shimwe, turashobora kuYibona, kuko twatoranirijwe kuYibona. Ntidushobora kandi ntituzoshobora guhemukirwa kuko turi Ijambo ryagaragajwe.

BeneData na Bashikibacu, reka ivyo vyinjire ibwina akanya gatoyi , TURI IJAMBO RYAGARAGAJWE! Imana ubwayo, Ivugira mu munwa w’umuntu, Iriko Iratubwira ko TURI IJAMBO. Ntidutinya ikintu na kimwe vy’ukuri. Ikintu cose dukeneye ni icacu.

Buri yinga tuba twiteze ukugendererwa n’Umwami. Ntidufise ibibanza hano vyokwicarikamwo umuntu wese, kandi n’umuntu ntashobora kuza I Jeffersonville, rero dutegerezwa kurungika Ijambo biciye ku buhinga ngurukanabumenyi.

Turi mu nzu zacu, mu mashengero yacu, mu miduga yacu, dukoraniye impande y’iyi radiyo ntoya kw’isi hose, Turindiriye ukuza k’Umwami.

Bakoraniye hamwe natwe muri Afrika, Barindiriye ukuza k’Umwami. Bakoraniye hamwe natwe muri Mexique, barindiriye ukuza k’Umwami. Muri Europe, muri Scandinaviya, Australiya, mu Buseruko , Amerika y’epfo, ku mpande zine z’isi zose, barindiriye ukuza k’Umwami.

Kandi dukoraniye hano mw’ishengero ryo mu nzu, inyubako , turindiriye ukuza k’Umwami. Dufise amasaha atandukanye, ariko turi hamwe mu BUMWE, abizera, twumviriza Ijwi ry’Imana, turindiriye ukuza kwa Messiya.

Turi ihanga ry’Imana ryatoranijwe muri iki gihe kibi kubwo Izina ryiwe. Twarageregejwe hanyuma turemeza Satani yuko turi Ijambo. Turi igice cico Giti-Mugeni c’inkomoko. Turiko twitegereza ubuzima bwacu bugaragazwa kubwo Iryo Jambo .

Biroroshe ku muntu wese kwizera yuko Yesu yari inyishu kuri buri buvugishwa bwashirikijwe muri We, kuko barindiriye y’uko babibona ubugirakandi. Ariko muri iki gihe kibi c’ubu, bariko barakora ca kintu bakoze ico gihe, mukubisigura mu bundi buryo, kandi batumye abantu baja mu ruzazane kuburyo bizera ububeshi . Aho botahuye yuko ari Jambo nyene Ryagaragajwe kubwo iki gihe.

Hariho ikintu kimwe gishobora gukoraniriza hamwe Umugeni, ni ubu Butumwa. Hariho ikintu kimwe dushobora kwemeranyako, ni ubu Butumwa. Hariho Ijwi rimwe gusa ryagarajwe kuba Niko Uhoraho Agize, Ijwi ry’Imana kuri Bande.

Rero, Amashengero akanye ,y’imigenzo, itakataka, n’ibindi, Tewolojiya yashizweho n’umuntu, ntivyokoreka, Abatoranijwe ntibomerera magabo ivyo. Ariko biri hariya nk’ikntu c’ukuri. Gukura ijambo rimwe ryonyene ni ivyo mutegerzwa gukora. Ivyasezeranywe vy’igihe; Igihe gihambaye! Abakristo ahantu hose, Bitegereza ighe tubayemwo! Barandika maze bagasoma hanyuma bakumviriza bitonze.

Imana y’iki gihe kibi iriko irakora ukwo ishoboye kwose kugira ngo ihende ihanga ry’Imana ryigire kure ry’Ijwi ryaYo ryagaragajwe. Igerageza gutuma batizera Ijambo na rimwe, nk’uko yabikoze kuri Eva kw’itanguriro.

Ariko Jambo-Mugeni wa Kristo ariko aregera Umutwe. Turiko turasubira ku mugenzi wacu aho twatanguriye. Igihe c’ukuvayo kiregereje. Imana igiye kuzozira Umugeni waYo yagumanye n’Ijambo ryaYo.

Mpwemu Yera ari hano ahamagarira gusohoka Umugeni wa Kristo. Ariko arabikora mu kwemeza Ijambo ryiwe ry’Isezerano kubwiwe, kubwo iki gihe, mu kwerekana yuko ari Kristo.

Nta kintu gihambaye nk’ugukoranira hamwe n’Umugeni kw’isi yose,mwumviriza Ijwi ry’Imana Rivugana namwe ata guca ku ruhande. Ntidukekeranya, canke mbere ngo dusenge twibaza yuko ivyo turiko twumviriza yuko ari Ukuri. Kuko ni Niko UHORAHO AGIZE , IJAMBO RYAGARAGAJWE GUSA.

Nimuze mwifatanye natwe maze mwumvirize :

Kandi nyuma y’ibi bintu nabonye uwundi mumalayika amanuka avuye mw’Ijuru, afise ubushobozi buhambaye ; kandi isi yari yamurikiwe n’ubwiza bwiwe.

Kw’isaha zitandatu z’umuhingamo , kw’isaha ya Jeffersonville, mu gihe twumviriza : Imana y’iki gihe kibi 65-0801M

MweneData Joseph Branham

Ivyanditswe vyo gusoma imbere y’ukwumviriza Ubutumwa:
Matayo 24/27:15-23
Luka 17:30
Yohana1:1/14:12
Ivyakozwe n’intumwa 10:47-48
1 Ab’I Korinto 4:1-5/14
2 Ab’I Korinto 4:1-6
Abigaratiya 1:1-4
Abanyefeso 2:1-2/4:30
2 Ab’Itesalonike2:2-4/2:11
Abaheburayo 7
1Yohana1/3:10/4:4-5
Ivyahishuriwe Yohana 3:14/13:4/ibice vya 6-8 n’ibice vya 11-12/ 18:1-5
Imigani 3:5
Yesaya 14:12-14

23-0122 Ni Ukuhe Gukwegwa Kuri Kuri Wa Musozi

Ubutumwa: 65-0725E Ni Ukuhe Gukwegwa Kuri Kuri Wa Musozi

Kuvoma Ubutumwa

Ibimenyeshejwe Ibimenyeshejwe ku bijanye n’ugusobanura mu zindi ndimi bikorerwa muri Branham Tabernacle

Mukunzi Mugeni Shengero ryo Munzu,

Ni muze dukoranire hamwe maze twumvirize Ubutumwa Ni Ukuhe Gukwerwa Kuri Wa Musozi Bwavuzwe kw’igenekerezo rya 25E Mukakaro 1965 kuri uyu w’Imana isaha zitandatu kw’isaha ya Jeffersonville ( Isaha imwe y’ijoro mu Burundi)

MweneData Joseph Branham

23-0115 Abasizwe Bo Mu Gihe C Iherezo

Ubutumwa: 65-0725M Abasizwe Bo Mu Gihe C Iherezo

Kuvoma Ubutumwa

Ibimenyeshejwe Ibimenyeshejwe ku bijanye n’ugusobanura mu zindi ndimi bikorerwa muri Branham Tabernacle

Bakunzi Bakoraniriza Hamwe Intama mu Ruhongore,

Birampagije cane kandi ndakengurukira Umwami kuba umwe wese muri mwebwe mukoranira mu Ruhongore rw’Intama z’Imana buri yinga, ahantu hacu h’akabanga tunyegejwe, tugaburirwa kandi tubeshwaho na birya Bifungurwa Vyanyegejwe. Ni Uguhishura kwa Yesu Kristo, Atwigaragariza kandi Atwihishurira ubwiWe.

Yarinyegeje ubwiWe ku buryo abandi baBiraba neza kandi ntibaBibone, ariko kuri twebwe, Umugeni WiWe Yatoranije, turaBibona biri ku mugaragaro kandi twizeye Ijambo Ryose. Twagumanye n’Ijambo n’umuhanuzi wiWe mu gihe bari Umwe kandi co kimwe.

Namba uri umwana w’Imana, uzogumana n’umuhanuzi w’iyi Bibiliya. Ni Ijambo.

Abahanuzi benshi basizwe iki gihe bavuga bati, “Ni Mpwemu Yera utegerezwa kugumana naWe, si umuhanuzi.” Nk’abahanuzi ba kera, namba dufise ikibazo, hategerezwa kuba inyishu itomoye. Dutegerezwa kuja KW’IJAMBO kugira turabe ico umuhanuzi yavuze imbere yacu.

Ariko hariho Kristo Impwemu imwe y’inkomoko, kandi iryo ni Ijambo Ryihaye umubiri nk’uko Yasezeranye kubikora.

Kristo Impwemu IMWE y’inkomoko Yasezeranye, Malaki 4, Luka 17, Umwana w’Imana Yihishura ubwiWe mu mubiri w’umuntu.

Ego, hariho abantu basizwe. Ego, bafise umuhamagaro. Ego, bafise Mpwemu Yera w’inkomoko. Ego, bafise impamvu nziza n’intumbero nziza.

None tumenya iciza n’ikibi gute ?

Itegereze, barasa. Basizwe co kimwe. Ariko itegereze, « Ku vyamwa vyabo… »

Ndanka kuvuga ibi bintu ariko isaha irarenganye kandi igihe kirihuta. Ibi ni ivyavuzwe kandi vyigishijwe iki gihe n’izo mbwebwe z’inkazi Paulo yagabishije kw’ishengero, kandi abasizwe b’ibinyoma mweneData Branham yavuze ko boje. Bari ng’aha muri twebwe, neza nk’uko babivuze.

Ng’aha hari igice c’ikete ryanditswe n’umukozi w’Imana. Icamwa cabo kigerageza guterera ugukekeranya ku muhanuzi w’Imana. Bagabisha abantu babo ko turi imana mu gukurikira umuhanuzi no Gufyonda Tukavuza.

Mwumvirize ukuntu ibi ari ivy’uruhendo.

Mbabajwe n’uko iyi dayimoni yinjiye mu butumwa bwacu ku buryo ubu twita ibitabu vy’inyigisho za William Branham IJWI RY’IMANA. William Branham ntiyari mu bisanzwe ijwi ry’Imana, ariko ahubwo ijwi ry’umuntu Imana Yakoresheje. Bibiliya Ntiyigeze Ivuga ko yari ijwi ry’Imana, ariko ahubwo Bibiliya Imwerekana nk’ijwi ry’umumarayika w’Indwi. (Ivyahishuriwe Yohana 3 :14 ; 10 :7)

Tuje kw’IJAMBO kandi tureke umuhanuzi w’Imana ashire ku mugaragaro iyi nyigisho y’ikinyoma.

*Namba nabababaje mu kuvuga ivyo, mumbabarire, ariko, numvise ko bishobora kumvikana, ariko, NDI IJWI RY’IMANA KURI MWEBWE.

None uzokwizera nde, uyu muhanuzi yasizwe w’ikinyoma, canke INTUMWA MUMARAYIKA W’INDWI W,IMANA YAGARAGAJWE ? Ushobora kwicara gute munsi y’umukozi w’Imana uwo ari we wese yokwizera canke akigisha ibintu nk’ivyo ? Vyoba vyiza ugiye mw’Ijambo mu gihe hakiriho umwanya.

Ikosa riteye ubwoba ryarakoze n’umugwi w’ubutumwa mu kugira imana William Branham mu kumugira icishimikizo ntanyiganyizwa. William Branham ntiyigeze aba icishimikizo ntanyiganyizwa ! Ijambo ry’Imana ni Ryo cishimikizo ntanyiganyizwa.

Amen, Ijambo ry’Imana Ni Icishimikizo Ntanyiganyizwa Cacu. Ijambo ry’Imana Ryaje kuri nde, wewe canke WE ? Ni nde musobanuzi w’IJAMBO RY’IMANA yavuye ku Mana, wewe canke WE ? Ni nde Inkingi y’Umuriro Yagaragaje kuba Uko Niko Uhoraho Agize, wewe canke WE ?

Kubera ko ufise abantu babiri, ufise ivyiyumviro bibiri.

Ntidukeneye abantu babiri canke ivyiyumviro bibiri, dukeneye gusa ico umuhanuzi w’Imana yavuze kw’ibande.

Kandi bitegerezwa gushika ku cimikizo ntanyiganyizwa ca nyuma, kandi icishimikizo ntanyiganyizwa canje ni Ijambo, Bibiliya.

Ni ivyo, neza nk’uko wavuze, Bibiliya ni iyiwe ni Icishimikizo Ntanyiganyizwa Cacu, ariko rero avuga ati :

Ndabazi, beneData, mundaba nk’icishimikizo ntanyiganyizwa canyu.

Rero ni murindire gatoya, vyumvikana nk’ibinyuranye n’ivyo WAVUZE. Yavuze ko tumuraba ko ari Icishimikizo Ntanyiganyizwa Cacu.

Mu gihe nkurikira Imana, nk’uko Paulo yavuze mu Vyanditswe, « Mu nkurikire, nk’uko nkurikira Kristo. »

Ivyo ntibisizwe ? Ntiyari azi ico yariko aravuga ?

Ni igiki umuhanuzi w’Imana ahejeje kutubwira mw’iyinga riheze ?

Tubona ko iyo umuntu aje, arungitswe n’Imana, yagenywe n’Imana, afise UKO NI KO UHORAHO AGIZE y’ukuri, ubutumwa n’intumwa ni ikintu kimwe kandi ni co kimwe.

Yavuze ko udashobora kubitandukanya, ni co kimwe, ariko uvuga ko twotegerejwe ?

William Branham ntatandukanye n’umuntu uwo ari we wese apfa, kuko yari umuntu w’ibimeze nk’ibishobisho, nk’uko Eliya yari ameze.

Amen, yari umuntu gusa ata nkeka, ariko yari UMUNTU Imana Yatoye guhishura Ijambo ryaYo Ryose, no kuturongorera mu Gihugu c’Isezerano. Yari uwo Imana Yavuze, zana abantu kuKWizera .

Co kimwe, yasizwe, yigisha Ubutumwa Bwiza bwa pentekoti, ariko ahakana isezerano ry’igihe ca none ry’Ijambo Ryagaragajwe. « Yesu Kristo Wawundi ejo, uno munsi n’ibihe bidashira. »

Tumenya gute itandukaniro namba ari abasizwe na Mpwemu Yera b’ukuri ? Aduha uburorero kugira tumenye abahanuzi b’ibinyoma ku muhanuzi w’ukuri.

Balamu na Mose, Mikaya na Zedekiya, Yeremiya na Hananiya. Muri co gihe cose, bose bari abahanuzi b’Imana basizwe, ariko ico atubwira gukora, GUMANA N’UMUHANUZI W’IMANA YAGARAGAJWE. Ubwo ni bwo buryo BWONYENE bwo kumenya neza ko ukurikira Inzira Imana Yateguye, kandi uri mu bugombe butunganye bwaYo.

Na jewe jenyene ndi hafi igihe Abikora. Nari ijwi ryonyene Yakoresheje, kubivuga. Ntivyari ivyo nari nzi ; ni ico nihebeye gusa jewe ubwanje, ico Yavugiyemwo.

Ivyo ni vyo Umugeni Ashaka kandi Akeneye gusa. Ijwi Rimwe. Ubutumwe Bumwe. Intumwa imwe.

Yooo Data, ese ukuntu dukenguruka ku buntu n’imbabazi vyaWe kuri twebwe. Watubwiye ko ata kintu na kimwe kidashoboka kuri weWe. Nta kintu na kimwe kidashoboka hamwe natwe. Kuko ibintu vyose bishobokera abizeye, kandi TURIZEYE.

Ni muze dufatanye kuw’iyinga isaha zitandatu ku mutaga, kw’isaha y’i Jeffersonville(isaha imwe y’ijoro mu Burundi), mu gihe dufise Ijwi Ry’Imana Ryatoranijwe Ritubwira ku vyerekeye Abasizwe b’Igihe c’Iherezo, Ubutumwa Bwavuzwe kw’igenekerezo rya 25 mukakaro mu gitondo, umwaka wa 1965.

MweneData Joseph Branham.

23-0108 Imfungurwa Za Mpwemu Mu Gihe Gikwiriye

Ubutumwa: 65-0718e Imfungurwa Za Mpwemu Mu Gihe Gikwiriye

Kuvoma Ubutumwa

Ibimenyeshejwe Ibimenyeshejwe ku bijanye n’ugusobanura mu zindi ndimi bikorerwa muri Branham Tabernacle

Bakunzi Bashakashatsi b’ubutare,

Hariho iriba rya arutwaze ry’Uguhishurirwa ridudubiriza imbere muri twebwe nk’uko bitigeze bibaho mbere. Twarumvise ubu Butumwa ubuzima bwacu bwose, kandi twamye twizeye Ijambo Ryose, ariko ubu Ryabaye Iryagaragariye muri twebwe nk’uko bitigeze bibaho mbere.

Ubu ni wo mwanya, ubu ni co gihe turiko turafungura ku bintu vy’akabanga vy’Imana binyegejwe isi. Ikintu abo bantu batwenga ni co kintu dusengera. Ikintu abo bantu bita « ubusazi », tucita « Igihambaye ! » Imana Yaduhishuriye ko hariho inzira imwe yonyene yo kuba Umugeni WaYo, ni GUFYONDA TUKAVUZA.

Ariko Imana Ishimwe, dufise Ibifungurwa vyanyegejwe, Ibifungurwa vya mpwemu, ku buryo tubayeho ku buntu n’imbabazi ry’uguhishura kwa Yesu Kristo muri iyi minsi ya nyuma, Yigaragaza ubwiWe mw’ihanga ryiWe.

Hamwe n’Ubutumwa Bwose Umugeni Yumva, Atwemeza ko ari Ubugombe Butunganye BwiWe. Si ivyo TWIYUMVIRA ko Avuga, canke ivyo TWIYUMVIRA ko bisigura, NI NEZA NA NEZA ivyo Avuga kandi abandi ntibashobora gusa kuBibona ; barahumishijwe. Imana YaraBinyegeje. BaraBiraba neza, ariko ntibaBibona. Kuri twebwe, NI VYO TUBONA GUSA.

Mu gihe tuba dukoranye buri yinga, si twe tubona turumvise ivyo Aja kutubwira no kuduhishurira. Kuri uyu w’inyinga, Ntazoduha utuvunji tw’inzahabu duto duto twanyegejwe, Agiye kuzoduha ikirundo nyamukuru c’ubutare maze AGISUBIREMWO N’URWAMO RWINSHI yongere Agisubiremwo kugira ngo Amenye neza ko twaBitahuye.

• Umuhanuzi yari yarabaye igihe kirekire cane mu Nyonga h’Imana, abanahuzi bo mw’Isezerano Rya Kera, canke igihe ico ari co cose, igihe baba mu Nyonga h’Imana gushika aho bacika Ijambo, Ubutumwa Bwabo ni Ijambo ubwaRyo. Kandi, mwibuke, yavuze « UKO NIKO UHORAHO AGIZE. »

• Tubona ko igihe umuntu aje, arungitswe avuye ku Mana, yagenywe n’Imana, afise UKO NIKO UHORAHO AGIZE y’ukuri, ubutumwa n’intumwa biba ari kimwe kandi ari co kimwe.

• Rero igihe umuntu aje afise UKO NIKO UHORAHO AGIZE, we n’Ubutumwa ni ikintu kimwe.

• Ijuru Rirabitangaza, Bibiliya Irabitangaza,Ubutumwa burabitangaza, vyose ni co kimwe.

• Umuhanuzi, Ijambo, Ubutumwa ; intumwa, Ubutumwa, n’Ubutumwa, vyari co kimwe.

• Umuntu uwo ari we wese n’ubutumwa bwiwe ni ikintu kimwe.

Muravuga ivy’Ubutare bw’Inzahabu.

Namba mufise Uguhishurirwa na gukeya, nibaza ko abitomora neza, Ubutumwa n’intumwa ni CO KIMWE. Murumva ivyo yavuze… CO KIMWE!! Rero ntimushobora gutandukanya intumwa n’Ubutumwa, bakozi b’Imana.

Mutegerezwa gushira INTUMWA mw’ishengero ryanyu hamwe n’UBUTUMWA yazanye bitari uko ntimuba mwemera UBUTUMWA BWOSE. NTIMUBA MURI UMUGENI.

Yooo ! Ubugira kandi, bigira Ubutumwa n’intumwa nk’ikintu kimwe. Imfungurwa za mpwemu zirateguwe, kandi ni muri iki gihe .

Kuri twebwe, twizeye igihe c’Imana tubayemwo, intumwa Yarungitse, Ijambo Ryose yavuze; ibi bintu ni Imfungurwa Zanyegejwe.

Ese ukuntu dukunda ubu Butumwa, kandi igihe nyene twiyumvira tuti, “Hashobora kuba ibindi gute ?” Ashira ibuye ry’ukunengesera kuri Bwo mu kutubwira abo turi bo ubu.

Ntimubona ububasha bw’Imana Nzima mw’Ishengero Rizima, Umugeni ? Abarwaye barakira, abapfuye barazuka, ibimuga biragenda, impumyi zirabona, Ubutumwa Bwiza buravugwa mu nkomezi zaBwo, kuko Ubutumwa n’intumwa ari co kimwe. Ijambo Riri mw’Ishengero, muri uwo muntu.

Iryo Jambo MURI TWEBWE. Turi Ubwo Butumwa. Dufise ububasha. Ubu Butumwa na twebwe TURI UMWE!! Muravuga ivyo kururumba n’ukururumba twongera tururumba.

Umugeni ni igice c’Umugabo, Ishengero ni co kimwe na Kristo. “Ibikorwa nkora namwe muzobikora.”

Turi igice c’Umugabo!!

TURI CO KIMWE NA KRISTO!!

Mwiyumvira ko vyumvikana nk’ibihambaye ubu, kandi bihezagira umutima wanyu gusoma gusa ibi vyavuzwe n’umuhanuzi, murindire gusa gushika aho muzokwumva Ijwi Ry’Imana Ribibabwira umunwa ku gutwi kuri uyu w’iyinga isaha zitandatu ku mutaga kw’isaha ya Jeffersonville (isaha imwe y’ijoro ku mugoroba mu Burundi) igihe tuzokwumviriza Imfungurwa za Mpwemu mu Gihe Gikwiriye, Ubutumwa Bwavuzwe kw’igenekerezo rya 18 mukakaro ku mugoroba, umwaka wa 1965.

Muratumiwe kuza kwifatanya natwe. Namba mutabishoboye, MUVYONDE MUVUZE igihe ico ari co cose, Ubutumwa ubwo ari bwo bwose, aho ari ho hose, maze mwumvirize intumwa y’Imana ibazanira Ubutumwa bw’Imana.
MweneData Joseph Branham.

Niko bimeze uno munsi, ko Umutsima w’Ubugingo abana baryako, Ukurikira Ubutumwa bw’Imana, kugira ngo Bubagaburire mu gihe c’ici.

Ivyanditswe vyo gusoma imbere yo kwumviriza Ubutumwa :
1 Abami 17:1-7
Amosi 3:7
Yoweri 2:28
Malaki 4:4
Luka 17:30
Yohana 14:12

23-0101 Kugerageza Gukorera Imana Igikorwa Atari Ubugombe bw’Imana

Ubutumwa: 65-0718m Kugerageza Gukorera Imana Igikorwa Atari Ubugombe bw’Imana

Ibimenyeshejwe Ibimenyeshejwe ku bijanye n’ugusobanura mu zindi ndimi bikorerwa muri Branham Tabernacle

Mukunzi Mugeni Ugiye mu Gihugu c’Isezerano,

Ni igiki kigiye kuba uyu Mwaka Mushasha ?

Umugeni Yariteguye ubwiWe mu kugumana n’Ijambo. Twarafashe Isangira Ryera, twashize Ikimenyetso ku muhana wacu, kandi twarishizeko ikimenyetso ubwacu n’Ijambo ry’ukuri, Ryagaragajwe. Ntitwagize imyumvikano, ariko twagumye ubwacu turi inkumi kw’Ijwi ry’Imana ry’ukuri.

Mbega igihe c’ubwiza tubayemwo. Ni igihe abahanuzi bose bipfuje kubona ; iki gihe nyene. Turazi mu bisanzwe ko Ishengero Ryiteguriye kugenda. Amasaha ya nyuma yo kwugara ariko aregereza kandi turiko turazimanganira vuba mu Bihe Bidashira. Dutegerezwa kuguma mu murongo kandi tugumize amaso ku Nzira Imana Yateguye y’igihe cacu : Ijambo RyaYo, umuhanuzi waYo, ari we Jambo ry’igihe cacu.

Yazanye Kristo ng’aha gute ? Kubw’Ijambo ry’abahanuzi. Ni vyo ? Azozana Umugeni waYo ng’aha gute ? Kubw’ Ijambo ry’abahanuzi.

Hashobora gukorwa iki ? Ni igiki gitegerezwa gukorwa ? Yatubwiye ico dutegerezwa gukora : kubaza umuhanuzi, Bibiliya, aho tudashobora kwongerako canke gukura kuri Ryo. Namba tubikoze, Imana Idukura mu Gitabu c’Ubugingo.

Igihe kirarengeranye cane, dutegerezwa kuba mu Bugombe BwaYo Butunganye kugira ngo tube Umugeni WaYo. Nta na rimwe dushaka gukorera Imana igikorwa atari Ubugombe bwaYo naho coba cumvikana neza gute. Imana Yatanze isizerano ry’ukuntu Yari Igiye kubikora iki gihe. Imana Yabivuze ng’aha nyene mw’Ijambo ryaYo, ukuntu Yobikoze.

Umugeni WaYo IzoMutwara gute ? Kubw’ Ijambo, atari ku mukogote mushasha, atari kubw’ iciyumviro c’umunyetewolojiya munaka. Ariko bijanye n’Ijambo Ryayo IzoMumenyekanisha . Rero ntushire ikintu na kimwe kuri Ryo canke ukure ikintu na kimwe kuri Ryo . Rireke uko Rimeze. Murabona ?

Ku bantu bamwe, bishobora kuba bizazanye mu gihe hariho abahanuzi benshi basizwe bavuga ico ari co Ubugombe bw’Umwami bw’iki gihe. Bavuga bati, « Ni bibi kuvuza amabande mw’ishengero, mweneData Branham ntiyigeze abivuga. Igikorwa c’ivugabutumwa ubu ni ngira kamaro kurushiriza, kandi ni inzira yateguwe n’Imana y’iki gihe. Gumana n’umwungere wawe. »

Rero, ni vyiza kwumviriza amabande, ariko atari mw’ishengero ? Ntidutegerezwa kwizera Ijambo ryose riri ku ma bande, gusa ivyo Mpwemu Yera Atubwira ibiri kandi bitari Ijambo ? Kwumviriza igikorwa c’ivugabutumwa bizotunganya Umugeni ? Namba ntagumanye n’umwungere wanje sinshobora kuba Umugeni ? Namba mvuza amabande gusa, ndi inyuma y’Ubugombe Butunganye bw’Imana ?

Uwizera wese ashaka gukora ivyiza hamwe no kuba mu Bugombe Butuntanye bw’Imana. Nta n’umwe ashaka gukora nabi canke kuba mu ruhusha rutari Ubugombe bwaYo. Hategerezwa kuba inzira nziza kandi igororotse.

Ni abahe bavugabutumwa dutegerezwa kwumviriza… bose ? Dutegerezwa gusuzuma ivyo bavuga ko ari Ijambo iyo dutashe imuhira mu kwumviriza amabande, canke twotegerejwe gufata ijambo ryabo ? Icishimikizo Ntanyiganyizwa ni iki rero, ijambo ry’umwungere wacu, canke ico mweneData Branham yavuze kw’ibande ?

Bategerezwa kwigisha Ijambo, amen. Bategerezwa kugumiza Ijambo imbere y’abantu, amen. Ariko ntibategerezwa gufata ikibanza c’umuhanuzi w’Imana. Ntibafise akamaro gusumba Ijwi ry’Imana Ryagaragajwe. Bashobora KUVUGA IBIRI KU MA BANDE VYONYENE. Ico ni Icishimikizo Ntanyiganyizwa c’Umugeni.

Hariho ibisabwa bitanu vyawe. Bitegerezwa kuba uko. Umwanya waYo, igihe caYo, igihe Yavuze ko vyoba ; n’umuntu Yatoye; kandi bitegerezwa kuza ku muhanuzi; kandi umuhanuzi ategerezwa kuba umuhanuzi yagaragajwe.

Sindiko ndagerageza gucirako iteka igikorwa c’ivugabutumwa canke mvuge ko badavise ikibanza, Imana Ibindinde. Ndiko ndavuga gusa, ko kuvugiriza abantu Ijwi ry’Imana riri ku ma bande ari ikintu c’ingira kamaro gusumba ibindi igikorwa c’ivugabutumwa gitegerezwa gukora. Ikintu cose mvuga, canke umukozi w’Imana avuga, canke umunywanyi w’ishengero asanzwe avuga, gitegerezwa kuba ijambo ku rindi kuvy’ umuhanuzi w’Imana yavuze.

Nanka ko munshavurira kandi mwiyumvira ko ndwanya umwungere wanyu, ivyo sivyo biri mu mutima wanje. Nshaka gusa ko Umugeni Ahurizwa hamwe n’ikintu CONYENE dushobora guhurirako, UBU BUTUMWA.

Mu gihe c’ukudahuza nk’uko, uruzazane, ubutandukane hagati y’abantu, nizeye ko ubu Butumwa tugiye kuzokwumviriza kuw’iyinga ari bumwe mu Butumwa bw’ingira kamaro gusumba ubundi bw’iki gihe cacu.

Reka twugurure imitima yacu maze tubone ico Imana Ibwira ishengero, abantu bumviriza amabande, n’abantu dufatanije ku buhinga ngurukanabumenyi mu mahanga yose.

Imbere y’uko dushobora kwinjira mu Gihugu c’isezerano, hariho ikintu kinaka dutegerezwa gukora. Ijwi ry’Imana Rishaka ko twumviriza neza vy’ukuri kandi ntitunanirwe gutahura ico Avuga.

Yavuze neza nk’igihe Mose yabwira Isirayeli, amaze kugaragazwa n’Imana n’Inkingi y’Umuriro, kandi yamenye ko yemejwe kuba umukozi w’Imana wo kubarongorera gusohoka. Ariko imbere yuko binjira mu gihugu, yababwiye ati, “Uyu munsi ntanze ijuru n’isi kw’ivyabona bizobagiriza, ntimwongereko ikintu na kimwe ku vyo navuze, canke ngo mukureko Ijambo kuri Vyo.”

Rero ndavuze, mw’Izina Rya Yesu Kristo : Ntimwongereko ikintu na kimwe, ntimukureko, ntimushireko ivyiyumviro vyanyu bwite kuri Ryo, muvuge gusa ivyavuzwe kuri izo bande, mukore gusa neza na neza ivyo Umwami Imana Yabategetse gukora, ntimwongere kuri Ryo!

Ivyo ni UMWAMI MANA Yacu Adutegeka ko du shobora KUVUGA IVYAVUZWE KU MABANDE VYONYENE. Ntidushobora kwongerako, gukurako, gushiramwo ivyo tuvyibazako, ivyiyumviro vyacu, insiguro yacu kuri Ryo. Muvuge gusa ivyavuzwe ku mabande.

Namba wizeye aya majambo yavuzwe n’umuhanuzi Yagaragajwe n’Imana ko ari ukuri, rero ni gute GUFYONDA UKAVUZA bidashobora kuba ikintu c’ingirakamaro gusumba ibindi Umugeni Ashobora gukora?

Yimenyekanishije gute igihe Yaza ? Mu muntu afise impwemu ya Eliya kuri we, yasohotse avuye mu bugaragwa. Azokwimenyekanisha ku mugeni WiWe gute ? Yasezeranye co kimwe muri Malaki 4, imbere yuko Ahonya isi, nk’uko vyari bimeze mu minsi ya Sodomu.

Mukunzi Mugeni w’Igihugu c’Isezerano, ufise UGUHISHURIRWA kw’ukuri. Uri mu Bugombe Butunganye bw’Imana. Waramenye uwo uri we. Uri mu Mugambi w’Imana mu Gufyonda Ukavuza. Uri Ijambo. Uri igice c’Umukwe. IMANA ISHIMWE !!!

Ni ubuhe buryo bwo gutangura Umwaka Mushasha. Umugeni Yunze ubumwe, Akurikira itegeko ry’Imana mu Gufyonda Akavuza.

Ni muze ubwanyu mwitegurire Izamurwa hamwe natwe isaha zitandatu ku mutaga kw’isaha y’i Jeffersonville, (isaha imwe y’ijoro mu Burundi), mu gihe twumviriza “Kugerageza Gukorera Imana Igikorwa Atari Ubugombe bw’Imana” Ubutumwa bwavuzwe kw’igenekerezo rya 18 mukakaro umwaka wa 1965M.

MweneData Joseph Branham

Ivyanditswe vyo gusoma imbere yo kwumviriza Ubutumwa:

Gusubira mu Vyagezwe 4:1-4
Gusubira mu Vyagezwe 4:25-26
1Ingoma 13
1 Ingoma 15:15
Zaburi 22
Mariko 7 :7
Yoweri 2 :28
Amos 3 :7
Malaki 3
Matayo 11:1-15
1 Abakorinto 13:1

22-1231 Ukunyinyurana

Ubutumwa: 62-1231 Ukunyinyurana

Kuvoma Ubutumwa

Ibimenyeshejwe Ibimenyeshejwe ku bijanye n’ugusobanura mu zindi ndimi bikorerwa muri Branham Tabernacle

Mukunzi Busho bwo ng’aha,

Nipfuza ko tugira Isangira Ryera ubugira kandi mu mihana yacu ku Munsi Mukuru w’Umw aka Mushasha, kw’igenekerezo 31 kigarama. Amabwiriza y’ukuntu turonka umuvinyu, n’ukuntu ducumba umukate w’Isangira Ryera bishobora kuboneka ku mbuga zikurikira. Urubuga rushobora kuvomamwo ijwi ry’igikorane ruzoboneka vuba ku rubuga rwacu. Canke, ushobora kuvuza ijwi ry’igikorane murikuye ku rubuga rwa Lifeline.

Ku bo ng’aha mu micungararo ya Jeffersonville, mushobora gutora umuvinyo w’Isangira Ryera ku wa gatanu, igenekerezo rya 30 kigarama, hagati y’isaha indwi n’isaha icumi ku muhingamo, munsi y’igisenge c’Ijwi ry’Imana.

Tuzokwumviriza Kunyinyurana, Ubutumwa Bwavuzwe kw’igenekerezo rya 31 kigarama 1962, guhera isaha icumi n’imwe ku muhingamo ku wa gatandatu(isaha 6 z’ijoro hano mu Burundi) igenekerezo rya 31 kigarama. MweneData Branham amaze kuzana Ubutumwa bw’Ugukesha kw’Umwaka Mushasha, tuzohagarika ibande maze tugire nk’iminota icumi y’indirimbo zo gutazira mu gihe twitegurira Isangira ry’Umwami. Tuzosubizamwo ibande aho mweneData atangurira igikorane c’Ingaburo Yera. Kuri iyi bande, yakuyemwo igice c’igikorane c’ukwozanya ibirenge, ari vyo natwe tuzokurikiza.

Mu gihe duhindukiriye ku wundi mwaka mu Gikorwa CiWe, dusubire kuMushikanira ubuzima bwacu gushasha mu kubanza kwumviriza Ijambo RyiWe, hanyuma gusangira rero Isangira Ryera RyiWe. Mbega akaryo k’igiciro dufise ubugira kandi kugira imihana yacu Igicaniro co guha kaze Umwami w’Abami kugira ngo Yinjire maze Afatanye natwe.

Imana Ibahezagire.

Mwene Data Joseph.