Ibimenyeshejwe Ibimenyeshejwe ku bijanye n’ugusobanura mu zindi ndimi bikorerwa muri Branham Tabernacle
Mukunzi Rubuto Cami rwa Aburahamu,
Ndarungitse intasho kw’isi yose, ku Bakoranira hamwe, bumviriza mu buryo bw’umuhora, bagaburira ubugingo bwaBo kuri Manu nshasha Ikoroka Ivuye mw’Ijuru. Muri ikiguzi c’Amaraso ya Yesu Kristo ubwiWe.
Mwami Yesu, ndasaba ko Uhumekera amajambo muri rino joro ku gutwi kwose kwumviriza kuri munsi y’ugusamirana kuvuye ku Mana. Kandi namba hariho bamwe ng’aha, canke bumviriza, mu gihugu cose.
Imana Iriko Irasiga amatwi y’umwe wese muri twebwe, mu gihe twumviriza kw’isi yose kandi twumva ugusamirana kuvuye ku Mana kw’Ijwi ry’Imana Rivugana natwe, Ukwo Niko Uhoraho Agize.
Turi Ishengero ry’Imana ry’inkomoko, Ryavutse ubwa kabiri Ryizeye Ijambo RYOSE ry’Imana imbere y’ikintu ico ari co cose, tutaravye ico ari co, kuko ni Ijwi ry’Imana ry’ukuri Ritavanze Rivuga.
Ntihashobora gusubira kuba ibindi bihe vy’ishengero inyuma y’iki. Turi kw’iherezo, beneData na bashikibanje. Turi ng’aha. Twarashitse. Imana Ishimwe!
Turi kw’iherezo. Twarashitse. Umugeni Yaramenye abo Turi bo. Ni igihe c’Umugeni Rubuto. Ibishishwa vyarapfuye. Ibishishwa vyarumye. Turi Ijambo Ry’Imana Ryavutse ku nkumi Ryagaragajwe, Yesu Kristo Wawundi ejo, uno munsi no mu Bihe Bidashira.
Ntituzokorwako. Ntihazobaho ugukorwako n’amaboko y’abantu muri TWEBWE. TURI Ukuvuka kutanduye kw’Umugeni. Dutegekwa n’Imana kuguma turi mu kuri kw’Ijambo Rinoboye Ritononywe.
Urubuto Rutegerezwa kwicara mu Nyonga z’Umwana, Mpwemu Yera, Ijwi ry’Umwana w’Umuntu, ku buryo Rushobora kwera. Kandi kuri twebwe, hariho UBURYO BUMWE BWONYENE: GUFYONDA TUKAVUZA MAZE TUKUMVA IJWI RY’UMWANA W’UMUNTU UBWIWE.
Kandi ndavuze ko hariho Ishengero Ryatoranijwe ahantu hanaka muri iyi si, Risohoka, kandi Ryigira kure y’ivyo bintu, kandi ukugaragara kw’Imana kwatumye Rimera magabo. Turi mu bihe vya nyuma.
Turi Inkukuma z’Imana. Nta myumvikano iri muri twebwe. Dushobora kurya Manu nshasha yonyene. Turi nk’inyana mu ruhongore. Turya Imfungurwa Zabitswe zonyene twahawe.
Impwemu yiWe Yaraje kuri twebwe gukora ibintu bimwe nk’ivyo Yakoze. Ni Ukugaruka kw’Urubuto ubugira kandi. Turi Urubuto Cami rw’Ukwizera kwa Aburahamu rufata ikintu cose kinyuranye n’Ijambo ry’Imana maze rukacita nk’aho kitariho. Ntidukekeranya canke ngo dushire ahatariho Ijambo Rimwe ry’Imana, kuko twizeye ko ari UKO NIKO UHORAHO AGIZE. Yesu Kristo Wawundi ejo, uno munsi, no mu Bihe Bidashira.
Mana Mukunzi, ntituRitere umugongo, kubw’ubusazi bw’isi, ariko tuMwakire iri joro n’umutima wacu wose. Mwami, Rema muri jewe impwemu nziza, Impwemu y’Ubugingo, ku buryo ntegerezwa kwizera Amajambo YaWe Yose, kandi nakire Yesu Ijambo, Wawundi ejo, uno munsi no mu Bihe Bidashira kandi nizere uno munsi umugabane wagenewe iki gihe. Ubikore Mwami, ndabisavye mw’Izina Rya Yesu.
Ariko igihe uhejeje kuvuga uti, “Jewe na Data turi Umwe,” n’ibi bindi bintu, rero igishishwa kija kure yaVyo. Ariko Ishengero Mugeni ry’ukuri, ry’inkomoko Rizozana Ijambo ry’Imana Ryuzuye, mu kunengesera kwaRyo no mu nkomezi zaRyo, kuko We ni Wawundi ejo, uno munsi no mu Bihe Bidashira.
65-0218 – “Urubuto NtiRuzoraganwa n’Igishishwa.” Rev. William Marrion Branham.
Yesu Kristo Wawundi ejo, uno munsi no mu Bihe Bidashira, Impwemu Iza ku Mugeni gukora nyene ivyo We Yakoze. Murabona? Ni Ukugaruka kw’Urubuto ubugira kandi.
Abo ni twebwe, Umuryango w’Amabande w’umuhanuzi, abana biwe bakwiragiye mw’isi, abo yavyariye Kristo. Abo Data Yahaye Uguhishura kwiWe Bwite muri iyi minsi ya nyuma.
Ndashaka kubakoraniriza hamwe bose muri iyi minsi, murabona, Data Azobikora, hanyuma rero tuzo—tuzogira Imuhira aho tutazotegerezwa gusubira kuja hirya no hino.
NDASHAKA KUBABONA BOSE BARI HAMWE. Biriko birashika ubu nyene. Ubu Butumwa, Ijambo RyiWe, aya Mabande ariko arakora neza na neza ivyo : gukoraniriza Umugeni hamwe, kudushira hamwe nk’UMUNTU UMWE kw’isi yose. Nta na kimwe kiretse Ijwi RyiWe ; Ijwi Ry’Imana ku mabande, rishobora gukoraniriza Umugeni WaYo hamwe.
Kandi mwebwe, iyo mwuzuye Mpwemu, ng’ico kimwe mu bimenyetso vyiza gusumba ibindi nzi : muba mu rukundo na Kristo kandi mwizeye Ijambo Ryose Avuga ko ari Ukuri. Murabona ? Ico ni ikimenyamenya ko mufise Mpwemu Yera. Kandi ubuzima bwanyu bwuzura umunezero, kandi—kandi yooo Mana Wee, ikintu cose kiba gitandukanye (murabona ?) n’uko vyari bisanzwe. Uwo ni Mpwemu Yera.
Imitima yacu, ubwenge n’ubugingo vyuzuye rwose umunezero, urukundo n’Uguhishura, dushobora kwigumya bigoranye. Ubutumwa bwose twumviriza buzana Uguhishura kurushirije. Tubona abo turi bo n’ivyo dukora kugira ngo tube mu Bugombe bwiWe Butunganye. Nta na kimwe gishobora kudukura ku co Imana Yashize mu mitima yacu. Gufyonda tukavuza ni Inzira Imana Yatanze y’iki gihe. Nta gucacisha, nta kwizigira, nta kubaza Mpwemu Yera tuti, “Mbega ivyo mpejeje kwumviriza n’Ijambo Ry’Ukuri ?” “Mbega ndakeneye kubisuzumisha Ijambo ?”
Si twebwe. Ivyo twumviriza kumabande NI IJAMBO. Iryo Jambo twumviriza ni ryo JAMBO RYONYENE Ryagaragajwe na Mpwemu Yera ubwiWe, Inkingi y’Umuriro, ko ari Uko niko Uhoraho Agize ku Mugeni.
Namba umuntu munaka atubwiye ati, « Hariho vyinshi vyavuzwe kumabande yari mweneData Branham gusa avuga, atari Ijambo Risizwe. Yari umuntu gusa. Mpwemu Yera Yaraturongoreye ku co ari co Ijambo kandi ivyo yari mweneData Branham gusa yavuga. »
Si kuri twebwe. Twizera gusa ivyo umuhanuzi yatubwiye kutazokwigera twibagira.
Nta teka rihambaye nko kwicara no kwumviriza Ijwi Ry’Imana Rivugana natwe. Izoba Iriko Iravugana n’Umugeni WaYo kuri uyu w’iyinga isaha zitandatu ku mutaga, kw’isaha ya Jeffersonville, (isaha icumi na zibiri ku mugoroba mu Burundi), kandi Yishura ibibazo : Ibibazo n’Inyishu 4, Ubutumwa Bwavuzwe kw’igenekerezo rya 30 ku mugoroba, ukwezi kwa myandagaro, umwaka wa 1964. Ndipfuza kubatumira gufatanya natwe. Ni ingingo mutazokwigera mwicuza.
Yari Ijambo Ryihaye umubiri, si Ijambo ry’igihe ca Mose, Mose yari Ijambo ryo muri kirya gihe ; si Ijambo ry’igihe ca Nowa, Nowa yari Ijambo ryo mu kirya gihe; atari igihe… Ijambo ry’Igihe ca Eliya, Eliya yari rirya Jambo rya kirya gihe; ariko Yari Ijambo ry’igihe c’uwo mwanya, kandi baba mu bihe vyaheze.
Ico kintu nyene kirisubiriza! Ni ikimenyamenya ca Mpwemu Yera, igihe Imana Iguhishurira kandi ukabibona, UKO NIKO UHORAHO AGIZE hanyuma ukavyemera. Si ico uri, ico wari uri, canke ikintu na kimwe kuri ivyo, ni ico Imana Yagukoreye ubu. Ng’ico ikimenyamenya.
Yaduhaye ikimenyamenya ca Mpwemu Yera, Yohana 14. Yavuze Ati, « Mfise ibintu vyinshi vyo kubabwira. Simfise umwanya wo kubikora, ariko igihe Mpwemu Yera Azoza, Azobabwira, Azobibutsa ibintu Nababwiye, kandi Azobereka ibintu bigiye kuza. » Ntimubibona ? Ng’ico ikimenyamenya. Ni ukuvuga ibigiye kuba kandi bi… kugira Insiguro ivuye ku Mana y’Ijambo Ryanditse. None, ivyo si ikimenyamenya c’umuhanuzi ?
Mpwemu Yera ni umuhanuzi w’igihe cose. Ni umuhanuzi w’igihe cacu. Ijambo Riza GUSA kuri uyo muhanuzi. Ni Imana Ivuga kandi Yihishura ubwaYo biciye mu muhanuzi waYo. Ni Ijambo ry’igihe. Ubu Butumwa, KU MABANDE, ni insiguro itunganye y’Ijambo, hamwe n’ukugaragara kw’Imana.
Nta koraniro rihambaye gusumba, nta gusigwa guhambaye gusumba, nta hantu hahambaye gusumba nko kuba twicaranye hamwe ahantu ho mw’Ijuru, twumviriza Ijwi ry’Imana.
Ndabatumiye kuza kwumviririza hamwe natwe Ijwi Ry’Imana Ryagaragajwe kuri uyu w’iyinga isaha zitandatu ku mutaga kw’isaha y’i Jeffersonville (isaha icumi na zibiri ku mugoroba mu Burundi), mu gihe Ivugana natwe ubugira kandi biciye mu ntumwa mumarayika waYo, kandi Yishura ibibazo vyose dufise ku mitima yacu, kandi Itwemeza ko turi Umugeni WaYo.
MweneData Joseph Branham.
Ubutumwa bwo kuw’iyinga : Ibibazo n’Inyishu 1, Ubutumwa Bwavuzwe kw’igenekerezo rya 23 mu gitondo, ukwezi kwa myandagaro, umwaka wa 1964
Turi bamwe mu bazoba hariya. Azovyemeza. Turi bamwe bagizwe igice c’Ijambo RyiWe. YaraDutoranirije kuzoba Hariya. Hagiye kuba Izamurwa mu kumenya kwiWe ibintu bitaraba kandi nta na kimwe kigiye kubihagarika, tugiye kuba hariya !
Satani Yaragerageje igihe kirekire gutuma abantu bakekeranya Ijambo Rimwe gusa Ryavuzwe. Ntimubikore. Mwizere gusa Ijambo Ryose. Mutegerezwa kwizera Ijambo Ryose kugira ngo muzobe hariya. Si ijambo ry’umuhanuzi, ni Ijambo ry’Imana Ryafashwe amajwi kandi Ryabitswe ku ma Bande.
Umuherezi mukuru, umusenyeri, umukaridinari, umwungere ? « Imana ! Ijambo Ryose Riva mu kanwa k’Imana. » Tumenya gute ko ari Ijambo ry’Imana ? Niko Ivuga, hanyuma Ikavyemeza? Yemeza Ijambo RyaYo.
MUTEGEREZWA kwizera Ijambo Ryose Riva mu kanwa k’Imana. Yaremeje ko ari Ijambo RyaYo ku mabande. Yaremeje ko William Marrion Branham ari intumwa mumarayika waYo ; Ijwi ry’Imana ry’iki gihe cacu. Abatizera bose Ubutumwa n’intumwa bazohona.
Ubu, sindiko ndabwira neza na neza rino koraniro. Ibi vyafashwe amajwi, murabona, kandi Bija kw’isi yose. Muratahura, bantu bo mw’isi, ko Ijambo Rimwe, Ijambo Rimwe, si iryungane rimwe, si igice kimwe, Ijambo Rimwe, ni Ryo Ryonyene Eva atizeye.
Yo Ni Ijambo kandi turi igice c’Ijambo ryaYo. Ni yo mpamvu turi ng’aha, gushimangira ikibanza cacu mu buzima. Kwizera Ijambo Ryose. Kugumana n’Ijambo. Kwereka Umugeni Ijambo Ryose Riri kuma Bande.
Mu gihe cacu, Umwana w’umuntu Yarahishuwe. YARIFATANIJE n’Ishengero ku Mutwe ; Yafatanije ubukwe bw’Umugeni. Umuhamagaro w’Umukwe waraje. Umwana w’umuntu Yaraje mu mubiri w’umuntu gufataniriza abo babiri hamwe. We Ni Ijambo. Turi Ijambo RyiWe, kandi abo babiri bafatanirijwe hamwe.
Bizosabwa ukugaragara kw’uguhishurwa kw’Umwana w’muntu… Si umukuru w’ishengero… Yesu Kristo Azomanuka mu mubiri w’umuntu muri twebwe, kandi Azotuma Ijambo RyiWe Riba Iry’ukuri rwose ku buryo Rizofatanya Ishengero na We nk’umwe, Umugeni, hanyuma rero baje Imuhira mu Mazimano y’Ubukwe. Amen.
Tuvuga AMABANDE, AMABANDE, AMABANDE. Mutegerezwa kuvuza amabande mu mazu yanyu, mu mashengero yanyu. Turanegurwa ko dushimikira cane ku kuvuza amabande. Ni kuki tuvuga ivyo ? Ni Nde Avugana NATWE ku mabande ?
Rero, mwibuke, ni Yesu Yavugana na Aburahamu hariya, yashobora guhishura ivyiyumviro biri mu bwenge bwa Sara ari inyuma yiWe. Ntiyari Yesu, NtiYari bwavuke. Ariko yari Umuntu mu mubiri w’umuntu, Aburahamu yise “Elohimu, Ushobora Vyose Ahambaye”.
Namba wizeye ko Umwana w’umuntu Yahishuwe mu gihe cacu ; Imana Ivugira mu kanwa k’umuntu, ni gute uwo ari we wese atoshobora kubona akamaro ko kuzana iryo Jwi nk’IJWI NGIRA KAMARO GUSUMA AYANDI MUTEGEREZWA KWUMVIRIZA ?
Sindiko ndanegura abandi batabona kandi batizera ivyo twizera, ni beneData na bashikibacu, ariko NDAHAGIJWE CANE, NDUJUJWE CANE, NDEMEZWA CANE ko ibi ari uburyo Imana Yatanze ku Mugeni WaYo. Nta kindi nshobora gukora. Kubwanje n’inzu yanje, Gufyonda tukavuza ni bwo BURYO BWONYENE.
Rindi rimwe ndatumiye isi kuza no kwifatanya natwe kuw’iyinga isaha zitandatu ku mutaga kw’isaha y’i Jeffersonville (isaha icumi na zibiri mu Burundi), mu gihe tuzokwumviriza : Ukwemeza Ijambo RyaYo, Ubutumwa Bwavuzwe kw’igenekerezo rya 16 myandagaro umwaka wa 1964. MweneData Joseph Branham.
Ubuserukizi bwacu budukoranya kuva mu buseruko no mu burengero, uburaruko n’ubumanuko, butwungira hamwe munsi y’Ijambo Yaronkeje Umugeni waYo ku mabande. Ni co kintu conyene Izokwubahiriza ; kuko ni Inzira yaYo Yatanze.
Ni igiki Igiye kutubwira no kuduhishurira hanyuma ? TwaraYumvise Ivugira mu muhanuzi waYo kenshi cane kandi Itubwira ivyerekeye uko Imuhira hacu hashasha hazoba hameze, ariko iki gihe bigiye kuba nk’uko tutigeze twumva ikintu na kimwe kuri Ho mbere.
Imana Umuremyi Yashushanije ibi kubw’Umukunzi waYo. Murabona ? Yooo, mbega uko aho hantu hategerezwa kuba hameze, igihe, Kamere y’Imana, Imana Umuremyi Yahashushanirije ibigize Imana vyatoranijwe mu buryo bw’Imana n’Imana We—We Nyanduruko y’Ubuzima bw’Imana ! Ico Gisagara kizoba gisa n’iki ! Muvyiyumvire!
Biratugora kwigumya. Umunezero wacu n’igishika biri ku gasongero. Imitima yacu yihutira kwumva Imana Ivugana natwe Idaciye ku ruhande kandi Itubwira ko ubu Iriko Irakora kandi Itunganya Imuhira iwacu hashasha ku buryo dushobora kubana naWe mu Bihe Bidashira.
Ni ikihe kindi tuzokwumva, kandi ni ikihe tuzohishurirwa kuw’iyinga, mu gihe Yatubwiye twese ku vyerekeye Ugutoranywa, Ubuserukizi, Ububwiriza, Umunsi w’Umunani, Umusozi Wera, Piramide, Ikoraniro Ryera ?
Ku rundi ruhande, intambara zacu ntizigeze zirushiriza kuba izigoye. Satani ariko araduhonda nk’uko bitigeze biba mbere. Ibitero vyiwe ntivyigera na rimwe bigabanuka canke bigende.
Ariko IMANA ISHIMWE, UKWIZERA Ijambo ryaYo kwacu ntikwigeze kuba hejuru gusumba. UKWIZERA kwacu mu kumenya abo turi bo kwashinze inanga vyimbitse mu Bugingo bwacu, ku buryo tudashobora kunyiganyizwa.
NTA NA KIMWE dufise co gutinya ; NTA NA KIMWE co kudutera ingorane. Data Aratwitwararika bikwiye. Araturongora kandi Ayobora INTAMBUKO ZACU ZOSE. Adufashe mu Kiganza ciWe. Satani ni umuhumvyi gusa w’iherezo riri hafi, kandi arabizi. Niwe afise ubwoba, arazi ko ahanganye n’Ijambo ry’Imana Ryavuzwe ry’Umugeni kandi aneshwa igihe cose.
TURI IJAMBO. Twari muri We kuva mbere. Ntitugiye kuba muri We umunsi munaka, TURI MURI WE UBU. Namba turi Ijambo, rero dushobora KUVUGA IJAMBO, NAMBA TUZOBA TWIZEYE VYONYENE… KANDI TURIZEYE.
Ikintu ni kimwe, uri uwizeye (IJAMBO) canke uri uwukekeranya (ATARI IJAMBO). Nta gace mu mubiri wacu katizera Ijambo Rimwe. Ni ivyo ! Duhejeje kwemeza Satani : ko turi Ijambo. Dushobora kuba turi urusato munsi y’ikirenge, ARIKO NAHO BIRI UKO TURI IGICE C’UWO MUBIRI !!! Rero iyo urya mubeshi asugereje umwe muri twebwe, Umugeni Aja hamwe kw’isi yose maze TUKAMUKUBITA kandi TUMUKUBITISHA Ijambo.
Iyo indwara ije kuri umwe muri twebwe, dukoranira hamwe maze TUKAMUKUBITA ! Iyo umwe muri twebwe ageze ku kwumva ko adendebukiwe no gucika intege, twese dukora iki? TURAMUKUBITA!
Tugiye i muhira, Mugeni. Igihe kirashitse. Umugeni Yariteguye. Turi mu Bwato. Yarugaye urugi kandi turi imbere mu mutekano. Turashobora kwumva umudiho kubw’Umugeni amanuka mu nzira kugira ngo Ahure n’Umukwe.
Tuzoba turi mu nkinga yacu y’imyaka 1000, hanyuma tuzojana hamwe, na We i muhira iwacu Hazoza.
Uguhishura kw’agakura kuje ubugira kandi mu mitima yacu… Ni We… WE. Ni Mpwemu Yera ubwiWe AVUGANA NATWE ADACIYE KU RUHANDE.
Si jewe ! ni We ! We ! Ni We nyene ! Narababwiye neza, Yafashe umubiri wanje gusa, Yafashe ururimi rwanje gusa, Yafashe amaso yanje, kuko Yari Azi ko nzobiMwegurira, ku buryo Yaje gusa maze Antuma ndabikora. Rero si jewe. Ni We ! Kandi si jewe hariya hamwe namwe, ni We hariya, hamwe namwe. We ni Ukuzuka n’Ubugingo. Ewe Mana, Mana ; vyizere. Yemwe, bantu ; MuMwizere. MuMwizere. Ari ng’aha.
Yaduhaye Uguhishurirwa ko kumenya ko AMABANDE ari Ijwi ry’Imana Rivugana natwe muri iki gihe. Ayo mabande ni Amajambo yiWe, Ijwi RyiWe… IJWI RYIWE, ryafashwe amajwi kandi RYABITSWE ku buryo dushobora KUMWUMVIRIZA Avugana natwe Amajambo y’Ubugingo Budashira. Ni Inzira YiWe Yatanze kubw’Umugeni WiWe.
Ni Amazi ya Arutwaze Afutse, Asukuye, Abirabira kandi Abiragira. Uko twanywa menshi, niko twasemerera tuti, « Ayandi Mwami, AYANDI. Uzuza igikombe canje Mwami, Cuzuze Mwami. Kandi Yarabikora ! Uko tunywa menshi, NIKO ADUHA MENSHI.
Hanyuma Satani yatangajwe ko yatsinzwe n’ubushobozi bw’Ubutumwa Bwiza. N’Imana yo mw’Ijuru Yategetse kandi Yarungitse umumarayika wiWe kutubwira Ubutumwa Bwiza. Biciye ku Mana Yanditse Ijambo kandi Yarungitse Umumarayika WaYo Yari ng’aho kwemeza Ijambo RyaYo. « Va mu bantu, mw’Izina Rya Yesu Kristo ».
Umurwanizi YATEGEREZWA kuva ku muntu wese arwaye, umuntu wese ababaye. Ubu ubushobozi bw’Imana bwaratuzuriye ku kugira amagara meza n’inkomezi ubugira kandi.
Hanyuma, bivuye ibwina mu mitima yacu, twavuze tuti : Ubu ndemeye ko Yesu Kristo, nk’Umwana w’Imana Yazutse, Ari We Mukiza Wanje, Ni Umwami Wanje, Ni We Ankiza indwara. Ubu nakize. Ndakijijwe. Nzobaho kubwiWe, We Yampfiriye. Nzozukira ng’aha mu buzima bushasha, mbandanya gukorera ivyiza Uwa… kuMukorera Uwazutse kubwanje. Haleluya ! »
Aya ni Amazi ya Arutwaze tunywa ku munsi ku munsi. Ni ryo riba ryonyene riza neza na neza rivuye mw’Ijuru ritemba igihe cose. Ririgenga. Ryama rifuse kandi risukuye. Ntiryigera ritega. Ni Amazi Mazima Adahengashanya guhinduka, Ahishura ikintu kinaka gishasha ku Mugeni igihe cose.
Twumva uno munsi ngo, « Amazi yacu niyo meza kuruta ayandi mushobora kunywa. Twayacishije mu ntambuko 7 z’ikigikorwa co kuyayungurura. Hanyuma twongeyemwo ivyunyunyu vyose TWAYUNGURUYE mu mazi twiyumvira ko Mukeneye kuvuga ko yanonosowe. » Imana Ishimwe, ntudutegerezwa kwigerezako canke gukekeranya ivyo tunywa canke ivyongewemwo canke vyayunguruwe. Ivyo dukeneye VYOSE biri mu Mazi yacu. Ico dutegerezwa gukora conyene ni GUFYONDA TUKAVUZA no kunywa mu gihe Ridudubiza.
Mbega ukwirurwa mu kunywa aya Mazi. Twogenze ibirometero kugira ngo tuYanyweko gusa, ariko ntidutegerezwa. Tuyatwara ahantu hose tugiye. Mu mazu yacu, mu mashengero yacu, kukazi, dutwaye imodoka yacu, dutembera… TURANYWA, KANDI TUKANYWA, TWONGERA TUNYWA.
Wa si we, ingo unywe kw’isoko Imana Yatanze. Ni ho hantu HONYENE udashobora kugira ikibazo no kuvuga uti, « Ndasaba ko Mpwemu Yera Andinda kutanywa ico ari co cose ntotegerejwe. NI AMAJAMBO YOSE ATAGIRA AGATOSI YEMEJWE ATEMBA AVA MU MIGEZI Y’IJURU.
Nta handi hantu Umugeni Wiwe Ategerezwa kunywa ! Ni muze Kunywa hamwe natwe kw’Iriba rya Arutwaze kuri uyu w’iyinga isaha zitandatu ku mutaga kw’isaha ya Jeffersonville (isaha icumi na zibiri z’umugoroba mu Burundi), mu gihe twumviriza : Ivyobo Vyatobotsemwo Imishwena, Ubutumwa bwavuzwe kw’igenekerezo rya 26 ku mugoroba, ukwezi kwa mukakaro, umwaka wa 1964. mweneData Joseph Branham.