23-0205 Ibintu Bishika Bisigurwa N Ubuvugishwa

Ubutumwa: 65-0801e Ibintu Bishika Bisigurwa N Ubuvugishwa

Kuvoma Ubutumwa

Ibimenyeshejwe Ibimenyeshejwe ku bijanye n’ugusobanura mu zindi ndimi bikorerwa muri Branham Tabernacle

Bakunzi Hanga ry’igihe,

Data ,turaGukunda cane. Mbega ni gute twotangura kugaragaza uko twiyumva ? Waraduhisemwo, waradutoranije, hanyuma wahindutse Umuntu muzima kugira ngo utange Ubugingo bwawe kubwacu.

Wanditse ivyiyumviro vyawe biciye ku Bahanuzi, kugira ngo dushobore kuronka Ijambo ryawe. Rero, nk’uko wasezeranye, waragarutse ubugira kandi, Wihishura ubwaWe mu mubiri w’umuntu kubwo ibintu bishika bigasigurwa n’ubuvugishwa, kugira usigure kandi uhishure Ijambo ryawe.

Kubwo uguhitamwo kwaWe bwite, wahisemwo William Marrion Branham kugira ngo abe umuntu w’igihe. Wamuhisemwo kuguira ngo atume tumera magabo. Watiriganije ibiganza vyiwe. Watwaye amaso yiwe mw’iyerekwa. Nta kintu na kimwe yari gushobora kuvuga kiretse ico Wamweretse.

Nta kintu na kimwe yari gushobora kuvuga kiretse ico Washize mu kanwa kiwe. Ni We waganza ururimi rwiwe, intoki ziwe, n’ibihimba vyose vy’umubiri wiwe. Yari yuzuye ububasha bwaWe.

Rero, kubwo uguhitamwo kwawe ubugira kandi , waduhisemwo kugira tube ihanga ry’igihe. Umugwi wawe w’inkehwa ukoranye kubwo ugusirwa kw’Ijambo, gutanga ubugira kandi, Ubugingo bwa Yesu Kristo. Turi Ijambo ryawe twifatanya n’Ijambo. Nta kindi kintu twoshobora gukora.

Data, dushaka kuba mu Bugombe bwawe butunganye ; nta kindi kintu c’ingirakamaro kuri twebwe. Ntidukeneye ivyiyumviro vyacu, ivyo twibaza, canke ivyo uwundi muntu avuga, dukeneye gusa Ubugombe bwawe.

Twaragiye kw’Ijambo ryawe kugira tubone ivyo Wavuze twokora kugira ngo tube Umugeni wawe. Wavuze yuko umusi umwe uzocira urubanza isi ukoresheje Ijambo ryawe. Watubwiwe yuko Ijambo ryawe Riza GUSA ku Bahanuzi, abatoranijwe kandi bakagenwa naWe.

Watubwiye yuko Ritigera riza ku Munyetawolojiya canke umugwi w’abantu, kiretse gusa ku Muhanuzi wawe. Azoba umusiguzi waWe wenyene w’Ijambo ava ku Mana. Si ivyiyumviro vyiwe, ivyo yibaza, insobanuro yiwe, ariko Uvuga Uciye muri we, Ugasobanura Ijambo ryaWe bwite.

Mu gihe cose, abantu barareka abantu bagashira insobanuro yabo bwite kw’Ijambo ryaWe, hanyuma vyaca bibahumisha. Hakoreka ca kintu nyene Abafarisayo n’Abasadukayo bakora. Iyo niyo mpamvu abantu Bibananira gutahura uyu musi. Bariko bumviriza ivyo uwundi
muntu yavuze, aho kwumviriza Ijambo nk ‘uko Umuhanuzi wawe yababwiye gukora.

Wavuze, ubwa mbere ndungitse Ijambo ryanJe, rero asangwa abantu batazokwizera Ijambo ryanJE , rero ndabarungikira Igikorwa c’ivugabutumwa. Kandi wavuze y’uko mu gihe cose Igikorwa c’ivugabutumwa carononekara ; atari kuri bose, ariko kuri benshi muri bo, hanyuma bagaca birongorera abantu ubwabo. Dukeneye kuba mu mugambi waWe w’inkomoko.

Bitera uruzazane rwinshi, abakozi b’Imana ntibashobora kwemerana hagati yabo. MweneData munaka ntashobora kwemeranya n’uwundi MweneData ;
MweneData uyu ntashobora kwemeranya n’uwundi MweneData. Ntibashobora guhuza hagati yabo. Gusa bamera nkabahuriye ku kintu kimwe, Ntidutegerezwa kuvuza Bande mw’Ishengero.

Ni Babuloni ubugira kandi, bizana uruzazane rwinshi, Twizera y’uko hariho gusa inzira imwe kandi dutegerezwa kwikebagura kugira ngo duce muri iyo nzira, si ukugerageza gukebagura iyo nzira kugira ngo itubere.

Harabonetse abakozi b’Imana bahagurutse bafise ivyiyumviro vyabo bwite, insobanuro yabo n’inyigisho zabo bwite. Bose ntaco bashitseko. Harabonetse abakozi b’Imana bahambaye bagenywe bahagurutse bavuga yuko bariko barigisha kandi bavuga Ubutumwa bw’igihe, hanyuma ngo igikorwa c’ivugabutumwa cabo ni inzira yateguwe n’Imana kubwo iki gihe, atari Amabande.

Bafise abantu babizigirwa bagenda kumashengero yabo , babumvirije imyaka n’ imyaka. Bafise abakozi b’Imana babagendera, ibikorane, imivyuro, bigisha, bavuga y’uko ivyo bavuga ko ari Inzira yaWe wateguye, atari Amabande. Rero umusi umwe bazovuga y’uko Ubutumwa atari Ukuri.

Boba batariko barasuzuma ivyo yavuze kuri Bande ? Boba bariko barafata ko ivyo yavuze ari Ijambo, Inzira yateguwe n’Imana kubwo iki gihe ? Iyoba yovugije Bande, Ijwi ryawe ryagaragajwe kubwo abantu, aho kwigira ubwabo Ijwi nyamukuru , botegerejwe kumenya y’uko ico bariko barumviriza ko ari icasizwe c’ikinyoma mu nyigisho y’igihe ca nyuma.

Ivyo ntibisigura yuko mudakeneye umwungere. Ntibisigura yuko bose ari abungere basizwe b’ibibinyoma . Ntibisigura yuko hariho benshi bigisha neza na neza ivyo MweneData Branham yavuze. Bisigura yuko ikintu c’ingirakamaro kuruta ibindi vyose mutegerezwa kwumviriza, ni Ubutumwa kuri Bande; Ni co conyene ari NIKO UHORAHO AGIZE.

Ni ikintu co kwisungwa. Ni Icishimikizo ntanyiganyizwa. Ni Ijambo rya nyuma. Ni ryo Jambo ryonyene Ritunganye. Mu gihe umwungere, umurongozi wanyu wo muri mpwemu, atariko arumviriza Iryo Jambo ritunganye n’abantu biwe, ikintu kinaka kizogenda nabi.

Kubera iki igikorwa c’ivugabutumwa kitovuza Ijwi ryaWe ryagaragajwe mu mashengero yabo ? Ni gute bovuga yuko ari ikinyoma mu gihe bavuga yuko bizeye ko ari Ijambo ? Ni kuki bazana ivyitwazo vyose hanyuma bakavuga yuko ivugabutumwa ryabo ari inzira yawe wateguye kubwo iki gihe, atari Ijwi ryaWe ryagaragajwe kuri Bande ?

Kuko batera ubwoba abantu bavuga ngo ni kubera tuvuga tuti, « FYONDA UVUZE. » Mu kwumviriza Ijwi ryawe, ngo turiko turasenga umuntu, ngo si wewe uriko uravuga biciye muri uwo Muntu ?

Dusenga WEWE WENYENE DATA . Twarabisuzumye n’Ijambo ryawe twitonze. Utubwira biciye mu muhanuzi wawe kuri buri Butumwa twumviriza kuri Bande uti : Ni inzira yawe wateguye kubwo iki gihe gusa.

Ni hehe handi Umugeni wawe yogenda kiretse neza na neza kw’Ijambo ryaWe. Turi Umugeni Jambo Nkumi waWe. Dutegerezwa kugumana n’inkingi y’umuriro yaWe. Niho hantu honyene twoshobora guhazwa turi, maze tukavuga amen kuri buri Jambo twumvirije.

Data, TuraKubona hanze y’Ishengero ryawe uriko uragerageza kwinjira, kandi bijanjagura umutima wacu. Umunyororo wo kugaza uri imbere kandi twaruguruye urugi kugira ngo winjire. Nta kindi kintu tuzi. Nta kindi kintu dukeneye. Ntidushobora gufata n’ikindi kintu. Twibungenze Ijambo ryawe.

Urakoze Data kubwo Uguhishurirwa kw’Ijambo ryawe. Ntiturwanya umuntu n’umwe, turi gusa Ijambo ryawe ryasiguwe n’Ubuvugishwa. Tuzohagarara imbere yawe umusi umwe mu rubanza. Hamwe n’imitima yacu yose dushaka kuvuga tuti, « Data, twagumanye n’Ijambo ryawe. »

Tera intege umwungere wanyu, umurongozi wanyu wo muri mpwemu , ngo afyonde avuze uwu w’iyinga hanyuma mwumvirize Ijwi ry’Imana. Muzocirwa urubanza umusi umwe n’ivyo Ijambo ry’Imana Rivuga kuri Bande. Ni gute woguza amahirwe yawe n’ikindi kintu ?

Murahawe ikaze, muze kwifatanya natwe kuri uwu w’iyinga isaha zitandatu z’umuhingamo, kw’isaha ya Jeffersonville (isaha imwe y’ijoro mu Burundi), hanyuma mwumvirize : Ibintu bishika bigasigurwa n’ubuvugishwa 65-0801e, mu gihe Imana Yivugira iciye mu kanwa k’umuntu wayo Yahisemwo. Uwo yahaye ububasha bwayo ??, ingabire yiWe. Yamuhaye kamere yiwe, ukwo ameze, n’ivyo ari vyose, ukwo yigaragaza n’ico ari co cose akora. Yagize MweneData William Marrion Branham umuntu w’igihe kugira ngo acakire ihanga ry’igihe, kandi turi IHANGA RY ‘IGIHE.

MweneData Joseph Branham

Ivyanditswe vyo gusoma imbere yo kwumviriza Ubutumwa :

Itanguriro : 22 :17-18
Zaburi 16 :10/ igice ca 22/35 :11/41 :9
Zekariya 11 :12/13 :7
Yesaya 9 :6/40 :3-5/50 :6/53 :7-12
Malaki 3 :1/ Igize ca 4
Yohana 15:26
Luka 17:30/24:12-35
Abaroma 8:5-13
Abaheburayo 1:1/13:8
Ivyahishuriwe yohana 1:1-3/ Igice ca 10