23-0129 Imana YIki Gihe Kibi

Ubutumwa: 65-0801M Imana YIki Gihe Kibi

Kuvoma Ubutumwa

Ibimenyeshejwe Ibimenyeshejwe ku bijanye n’ugusobanura mu zindi ndimi bikorerwa muri Branham Tabernacle

Mukunzi Busho, Jambo, Nkumi ntoya ya Kristo,

Nta kindi kintu turi. Ntidushobora kwumviriza ikindi kintu. Nta kindi kintu tuzi. Ntidushaka ikindi kintu. Aho inyama nshasha ziri , FYONDA UVUZE, ari zo Jambo ry’igihe, aho inkukuma zizokoranira. Ijambo Riza muri twebwe nk’Ubugingo.

Ntitumeze nk’uwundi muntu uwo ari we wese! Muri ihanga ryitandukanije, Abera ku Mwami, bishikaniye Ijambo na Mpwemu w’Imana, kugira ngo bame Icamwa c’Isezerano ryiWe kubw’iki gihe. Ubu turiko turakura kandi twera kubwo kwumviriza Ijwi ry’Imana.

Umuhanuzi yatubwiye kwisunga izi Bande. Asangwa ufise iradiyo, shira umugwi hamwe hanyuma uYivuze, maze muheze mwumvirize mutekereje. Umviriza Ijwi ryiWe, ivyo Ariko Aratubwira. Ijambo ry’Imana ntirikeneye insobanuro, Irikorera insobanuro yayo bwite. Ndi Ijwi ry’Imana kuri mwebwe.

Kandi n’uku biri, nta Jambo na rimwe ryokwongerwako canke ngo rikurwe muri Bibiliya. Nimugumane n’iryo Jwi. “Uwo Ritazi ntibomukurikira,”

Ni gute umuntu adashobora kubona inzira yateguwe n’Imana iki gihe? Ariko Imana shimwe, turashobora kuYibona, kuko twatoranirijwe kuYibona. Ntidushobora kandi ntituzoshobora guhemukirwa kuko turi Ijambo ryagaragajwe.

BeneData na Bashikibacu, reka ivyo vyinjire ibwina akanya gatoyi , TURI IJAMBO RYAGARAGAJWE! Imana ubwayo, Ivugira mu munwa w’umuntu, Iriko Iratubwira ko TURI IJAMBO. Ntidutinya ikintu na kimwe vy’ukuri. Ikintu cose dukeneye ni icacu.

Buri yinga tuba twiteze ukugendererwa n’Umwami. Ntidufise ibibanza hano vyokwicarikamwo umuntu wese, kandi n’umuntu ntashobora kuza I Jeffersonville, rero dutegerezwa kurungika Ijambo biciye ku buhinga ngurukanabumenyi.

Turi mu nzu zacu, mu mashengero yacu, mu miduga yacu, dukoraniye impande y’iyi radiyo ntoya kw’isi hose, Turindiriye ukuza k’Umwami.

Bakoraniye hamwe natwe muri Afrika, Barindiriye ukuza k’Umwami. Bakoraniye hamwe natwe muri Mexique, barindiriye ukuza k’Umwami. Muri Europe, muri Scandinaviya, Australiya, mu Buseruko , Amerika y’epfo, ku mpande zine z’isi zose, barindiriye ukuza k’Umwami.

Kandi dukoraniye hano mw’ishengero ryo mu nzu, inyubako , turindiriye ukuza k’Umwami. Dufise amasaha atandukanye, ariko turi hamwe mu BUMWE, abizera, twumviriza Ijwi ry’Imana, turindiriye ukuza kwa Messiya.

Turi ihanga ry’Imana ryatoranijwe muri iki gihe kibi kubwo Izina ryiwe. Twarageregejwe hanyuma turemeza Satani yuko turi Ijambo. Turi igice cico Giti-Mugeni c’inkomoko. Turiko twitegereza ubuzima bwacu bugaragazwa kubwo Iryo Jambo .

Biroroshe ku muntu wese kwizera yuko Yesu yari inyishu kuri buri buvugishwa bwashirikijwe muri We, kuko barindiriye y’uko babibona ubugirakandi. Ariko muri iki gihe kibi c’ubu, bariko barakora ca kintu bakoze ico gihe, mukubisigura mu bundi buryo, kandi batumye abantu baja mu ruzazane kuburyo bizera ububeshi . Aho botahuye yuko ari Jambo nyene Ryagaragajwe kubwo iki gihe.

Hariho ikintu kimwe gishobora gukoraniriza hamwe Umugeni, ni ubu Butumwa. Hariho ikintu kimwe dushobora kwemeranyako, ni ubu Butumwa. Hariho Ijwi rimwe gusa ryagarajwe kuba Niko Uhoraho Agize, Ijwi ry’Imana kuri Bande.

Rero, Amashengero akanye ,y’imigenzo, itakataka, n’ibindi, Tewolojiya yashizweho n’umuntu, ntivyokoreka, Abatoranijwe ntibomerera magabo ivyo. Ariko biri hariya nk’ikntu c’ukuri. Gukura ijambo rimwe ryonyene ni ivyo mutegerzwa gukora. Ivyasezeranywe vy’igihe; Igihe gihambaye! Abakristo ahantu hose, Bitegereza ighe tubayemwo! Barandika maze bagasoma hanyuma bakumviriza bitonze.

Imana y’iki gihe kibi iriko irakora ukwo ishoboye kwose kugira ngo ihende ihanga ry’Imana ryigire kure ry’Ijwi ryaYo ryagaragajwe. Igerageza gutuma batizera Ijambo na rimwe, nk’uko yabikoze kuri Eva kw’itanguriro.

Ariko Jambo-Mugeni wa Kristo ariko aregera Umutwe. Turiko turasubira ku mugenzi wacu aho twatanguriye. Igihe c’ukuvayo kiregereje. Imana igiye kuzozira Umugeni waYo yagumanye n’Ijambo ryaYo.

Mpwemu Yera ari hano ahamagarira gusohoka Umugeni wa Kristo. Ariko arabikora mu kwemeza Ijambo ryiwe ry’Isezerano kubwiwe, kubwo iki gihe, mu kwerekana yuko ari Kristo.

Nta kintu gihambaye nk’ugukoranira hamwe n’Umugeni kw’isi yose,mwumviriza Ijwi ry’Imana Rivugana namwe ata guca ku ruhande. Ntidukekeranya, canke mbere ngo dusenge twibaza yuko ivyo turiko twumviriza yuko ari Ukuri. Kuko ni Niko UHORAHO AGIZE , IJAMBO RYAGARAGAJWE GUSA.

Nimuze mwifatanye natwe maze mwumvirize :

Kandi nyuma y’ibi bintu nabonye uwundi mumalayika amanuka avuye mw’Ijuru, afise ubushobozi buhambaye ; kandi isi yari yamurikiwe n’ubwiza bwiwe.

Kw’isaha zitandatu z’umuhingamo , kw’isaha ya Jeffersonville, mu gihe twumviriza : Imana y’iki gihe kibi 65-0801M

MweneData Joseph Branham

Ivyanditswe vyo gusoma imbere y’ukwumviriza Ubutumwa:
Matayo 24/27:15-23
Luka 17:30
Yohana1:1/14:12
Ivyakozwe n’intumwa 10:47-48
1 Ab’I Korinto 4:1-5/14
2 Ab’I Korinto 4:1-6
Abigaratiya 1:1-4
Abanyefeso 2:1-2/4:30
2 Ab’Itesalonike2:2-4/2:11
Abaheburayo 7
1Yohana1/3:10/4:4-5
Ivyahishuriwe Yohana 3:14/13:4/ibice vya 6-8 n’ibice vya 11-12/ 18:1-5
Imigani 3:5
Yesaya 14:12-14