21-1003 Imana YIki Gihe Kibi

Ubutumwa: 65-0801M Imana YIki Gihe Kibi

Kuvoma Ubutumwa

Ibimenyeshejwe Ibimenyeshejwe ku bijanye n’ugusobanura mu zindi ndimi bikorerwa muri Branham Tabernacle

Mukunzi Mugeni w’Ugukaburwa kubw’Uguhishurirwa,

Mbega ni igiki cabaye kw’isi yose mu mpera y’iyinga iheze ? Ni igiki cariko kiraba ? Urwo rwamo rwose rwari urw’iki ? Umugeni wo kw’isi yose yari yakoraniye hamwe, aremarema imisozi akoresheje ivyo guhoma bita plâtre, ibumba, umusenyi n’inkoni. Yakoraniye hirya no hino y’imiriro y’umunezero, aririmba indirimbo zo gutazira no guhimbaza Umwami. Abakiri bato n’abakuze co kimwe, bambaye amashati yavuga Ugukaburwa kubw’Uguhishurirwa. Bari abo kuva Michigan gushika i Floride, kuva Maine gushika i Californie, kuva muri Amerika y’Uburaruko gushika muri Amerika yo mu Bumanuko, kuva i Buraya, muri Afrika, muri Aziya, muri Australiya, kuva ku mpande zose z’isi. Bumviririsha utwuma twabo muhira iwabo, bumva ijwi ry’Imana rivugana nabo ata guca iruhande.

Kwari ukuhe gukwegwa ? Urubuto rwatoranijwe rw’Imana rudashobora gukora ikindi kintu kiretse ugukurikira Ubutumwa bw’igihe, rwizeye Ijambo ryose Ryavuzwe n’umuvugizi w’Imana, rwari rwakoranye mu guhimbaza, mu gutazira no kwigina ikintu gihambaye cabaye mu gihe cacu ku musozi Sunset.

Yari Imana Yemeza Ijambo ryaYo. Ico ni co urwo rwamo rwose rwasobanura. Murabe, Yari Imana Ishitsa Ijambo ryaYo ubugira kandi, ry’Ivyahishuriwe Yohana 10 :1 gushika 7, « Kandi mu minsi y’Ijwi ry’umumarayika w’indwi, ibanga ry’Imana ryobaye riherahejwe. »

Ni Imana Yariko Ikora amateka. Ni Imana Yariko Irashitsa ubuvugishwa. Yari inyishu y’ubuvugishwa bw’umuhanuzi. Kandi twashaka kuba hariya kugira ngo turonke kandi twumve ikintu ico ari co cose Yakoze biciye mu muhanuzi waYo.

Twirengagiza ukunegura kw’uwutizera n’abigira abizera. Ntiduharira nabo. Dufise ikintu kimwe gusa co gukora, ni ukwizera no kuronka agace kose kaVyo dushobora. Dukoranira hamwe buri yinga nk’umuntu umwe kugira ngo twumvirize Ijwi ry’Imana, mu gihe turindiriye Ukuza kwa Mesiya.

Mbega igihe gihambaye tubayemwo. Kubona Ivyanditswe bishitswa mu buzima bwacu nyene. Ariko Yaratugabishije mw’Ijambo ryaYo ko ugusigwa kutari kwo kwobaye hafi cane, kwohenda n’uwatoranijwe n’Imana NAMBA vyari gushoboka. Ariko Imana Ishimwe, ntibizoshoboka guhenda Umugeni waYo, kuko bazogumana na rirya Jwi ry’Imana ry’inkomoko, Ryagaragajwe kandi ntibazohindura akanyuguti gatoya canke umutwe w’ijambo n’umwe. Ntibazokwongerako insiguro yabo bwite kuri Ryo, ariko bazokwizera gusa IJAMBO RYOSE.

Ese ukuntu dutegerezwa kumera magabo namba VYEGEREJE UKO. Turibaza tuti, mbega azoba ari amashengero y’amadini ? Asa naho ari kure cane kandi ntari hafi na gatoya. None Azoba ari nde ?

Rero, gusa amashengero akanye, y’imigenzo, y’ubwibone n’ibindi, ya tewolojija yakozwe y’abantu, ayo ntiyobikora; Uwatoranijwe ntiyokwigera yitaho ivyo. Ariko biri hejuru hafi nk’ikintu c’ukuri. Kureka gusa Ijambo rimwe ni co conyene utegerezwa gukora.

Yavuze ko Eva atigeze asohoka kandi ntiyavuze ibigirankana ko atizera Imana. Yizeye ikosa. Satani yaremeye ko Ryari Ijambo ry’Imana, ariko ingorane nuko yashize insiguro yiwe bwite kuri Ryo kandi vyamutumye yizera ikinyoma maze acirwako iteka kubera ico.

Igifuniko carakuweko. Piramide yaruguruwe. Ivyanditswe vyarashizwe ku mugaragaro. Uguhishurwa kwarahawe Umugeni. Ni Yesu Kristo Wawundi ejo, uno munsi no mu bihe bidashira.

Ivyo bituma Satani adushavurira cane. Arazi ko ageze kw’iherezo ryiwe. Ashaka ko twibaza abo turi bo. Duca mu bipimo n’ibigeragezo bigoye gusumba ukwo twigeze kubicamwo. Rimwe na rimwe turibaza, tuti ni kuki ibi vyose bidushikira?

Impamvu yavyo, ni kuMugerageza, Umugeni waYo. Ni ku… Mu gihe Yagaragajwe, yageragejwe, yemejwe, yerekanywe na Satani.

Imana Ishimwe!!! Ibipimo n’ibigeragezo vyacu ni We gusa Yemeza Satani, ko TURI UMUGENI WAYO YAGARAGAJWE.

Tubona ubu, ko iki gihe kibi ari co kwemeza, kuri Satani, ko Atameze nka Eva, ko Atari burya bwoko bw’umugore. Kandi Azogeragezwa n’Ijambo ryaYo, Umugeni, nk’ukwo umugeni wa Adamu yageregejwe n’Ijambo. Kandi umugeni wa Adamu yizera agace kose k’Ijambo, Ryose, ariko yazazaniwe kw’isezerano rimwe.

Ariko ntituzozazanirwa kw’Ijambo rimwe canke ntituzorondera imigenzo yabo, insiguro zabo z’Ijambo, tuzogumana n’IJAMBO RY’INKOMOKO.

Namba dufise icuma kivuza bande, tuzokoraniriza hamwe umugwi w’abantu, kandi tuzoyivuza, maze twumvirize twitonze, neza nk’uko yatubwiye gukora!

Neza ni nk’ubuzima bwanyu n’uko musa bizanzwe bihererekanwa n’ukuvyara gusanzwe kwa so, niko bimeze na Mpwemu w’Imana, yatoranijwe imbere y’itanguriro y’isi.

Ese ukuntu dukenguruka ko Mpwemu w’Imana, ukuvyarwa kwacu, kwatoranijwe imbere y’itanguriro ry’isi kugira ngo tugire Uguhishurirwa kw’Ukuri kw’Ubu Butumwa.

Murahawe ikaze kuronka Ukwo gukaburwa nyene kubw’Uguhishurirwa hamwe natwe kuw’iyinga isamunani ku muhingamo, isaha ya Jeffersonville, mu gihe tuzokwumviriza Imana y’Iki Gihe Kibi, ubutumwa bwavuzwe kw’igenekerezo rya 1 Myandagaro mu gitondo, umwaka wa 1965.

MweneData Joseph Branham

Ivyanditswe vyo gusoma :

Matayo igice ca 24
Matayo 27:15-23
Luka 17:30
Yohana 1:1
Yohana 14:12
Ivyakozwe n’Intumwa 10:49
Icete ca mbere c’Abikorinto 4:1-5
Icete ca mbere c’Abikorinto 14
Icete ca kabiri c’Abikorinto 4:1-6
Ab’i Gatatiya 1:1-4
Abanyefeso 2:1-2
Abanyefeso 4:30
Icete ca kabiri c’Ab,itesalonike 2:2-4
Icete ca kabiri c’Ab’itesalonike 2:11
Abaheburayo Igice ca 7
Icete ca mbere ca Yohana 1
Icete ca mbere ca Yohana 3:10
Icete ca mbere ca Yohana 4:4-5
Ivyahishuriwe Yohana 3:14
Ivyahishuriwe Yohana 13:4
Ivyahishuriwe Yohana ibice ca 6-8
Ivyahishuriwe Yohana ibice 11-12
Ivyahishuriwe Yohana 18:1-5
Imigani 3:5
Yesaya 14:12-14