21-0829 Uguterwa Isoni

Ubutumwa: 65-0711 Uguterwa Isoni

Kuvoma Ubutumwa

Ibimenyeshejwe Ibimenyeshejwe ku bijanye n’ugusobanura mu zindi ndimi bikorerwa muri Branham Tabernacle

INKUKUMA ZIRAKORANIRA HAMWE

Mukunzi Branham Tabernacle,

Turakenguruka cane ko Yadutoranirije guhitamwo ishengero ryiza ryo gushiramwo imiryango yacu.

Namba nari guhitamwo ishengero, nohisemwo ishengero ry’inkomoko, ry’ishingiro, ry’Ubutumwa Bwuzuye, rya Bibiliya, namba nari guhitamwo iryo gushiramwo umuryango wanje.

Turakenguruka cane ko tubwira isi umwungere wacu uwo ari we, kandi ko twigenza neza nka we.

Namba uzokwitegereza imigenzo y’iryo shengero, witegereze neza umwungere umwanya mutoya, uzobona ko akenshi ishengero ryigenza nk’umwungere.

Turakenguruka cane ko ataco bitwaye aho turi hose mw’isi, Abonana natwe.

Yasezeranye guhura aho ari ho hose babiri canke batatu bakoraniye hamwe. Ni ukuri. Aho ni ho uwizera w’ukuri ashingira ivyizigiro vyiwe, ni kuri iryo Jambo ry’Imana Ryagaragajwe mu Kuri.

Turakenguruka cane ko twizeye umuhanuzi wiWe, n’Ijambo Ryose Ryavuzwe.

Namba mwizeye ko ndi umuhanuzi w’Imana, mwumvirize ico nababwiye.

Umuhanuzi wiWe yategerezwa kwigisha iki ?

Ubutumwa Butunganye, kugaruka kw’Ijambo.

Yarungikiwe iki?

“Genda uzane urya Mugeni!” Iyo ni inshingano. Ico ni co mbereye ng’aha. Ico ni co ngerageza gukora, ni uguhamagarira Umugeni gusohoka.

Vyogenda gute tuvuye mu murongo ?

Kandi ico ni co twotegerejwe gukora, kugumiza urya Mugeni mu murongo.

Ubu Data Afise iki mu kigega c’Umugeni ?

Nsubiye muhira, gusubiramwo indagano zanje ubugira kandi, no gutangura bushasha. Rero ivyo ni vyo dutegura gukora, ico ni co mbereye ng’aha.

Umwami Ashimwe, ni ryari tuzotangura gusubiramwo ibikorane ?

Kandi rero, Umwami Abishatse, kuw’iyinga uza mu gitondo tuzotangura igikorane. Kandi mwese mumfashe, kandi tuzosenga, kuko vyari mu mutima wanje kugerageza… Bavuze bati, “Yemwe twoshobora kuja Louiville canke twoshobora kuja muri New Albany ariko igikorane cotegerejwe kuba ica Jeffersonville. Nzoja i Louisville na New Albany, mu bihe bitandukanye, ariko ibi vyotegerejwe kubera ng’aha Jeffersonville.

Turiteguye Data. Inkukuma zawe zizoba zikoranye kandi zumviriza? Ni igiki kigiye kuba muri iki gihe?

“… Nkeneye ukwizera kurushirijeho.” Ico ni co mbereye muhira ubu ni ukuronka u—umuvuduko mushasha w’ukwizera.

Umwami Ashimwe, natwe ivyo ni vyo dushaka Data umuvuduko mushasha w’UKWIZERA. Turazi ko ukwizera kuzanwa n’ukwumva, kwumva Ijambo RyaWe, kandi Ijambo RyaWe Riza ku muhanuzi.
Ubu Butumwa, Ubushobozi bw’Imana Mushoboravyose, Bwakwiragijwe kw’isi yose, ariko ubu igihe co gutandukana kirashitse. Imana Iriko Irahamagara Umugeni, kandi umurwanizi ariko arahamagara ishengero. Turi igice c’Ubu Butumwa, Ijambo RyiWe, Umugeni WiWe!

Dufise ivyizigiro kandi turazi ico turiko turavuga. Ntiduterwa isoni ko twizeye ubu Butumwa n’intumwa yiWe, kuko biri co kimwe. Ntiduterwa isoni no kuvuga tuti, “twizeye Ijambo Ryose.” Ntiduterwa isoni no kuvuga tuti : “Tuvuza amabande mw’ishengero ryacu.” Ntiduterwa isoni no kuvuga ko turi abantu b’Amabande.

Biratugora gutahura ko uwizera uwo ari we wese canke umukozi w’Imana w’ibikorwa bitanu biri hamwe, avuga ko yizeye ubu Butumwa, kandi avuga ko mweneData Branham ari umuhanuzi w’Imana n’intumwa, rero yokwizera kandi akabwira abantu ko ari bibi kandi bitajanye n’Ijambo kuvuza mu ma shengero yabo Ijwi ry’Imana nyene Ryagaragajwe.

Uhore ugavye mu gihe gikwiye no mu kidakwiye, uhane, wihanize, uhanure, mu kwihangana kwose no mu kwigisha. Kuko igihe kizoza, batazokwemera kwumva ukwigisha kuzima; ariko kuko amatwi abarya yifuza kwumva ibibanezereza, bazokwirundaniriza abigisha bahuje n’ukwifuza kwabo, kandi bazokwiziba amatwi, ngo ntibumve ukuri, bazozimira bakurikire imigani y’ibinyoma.

Iyo hageze kw’Ijambo Ry’Imana Ry’inkomoko, Ritavanze, Ryemejwe n’Imana, Ijwi ry’Imana Ryagaragajwe, bisa n’ibizazanira n’uwundi mugwi. Bazazanirwa kuri Ryo kandi bizeye ko, ari ukurwanya Ijambo, kuba Ishengero rya Bande.

Ariko kuri twebwe, Ni ibiboneka. Ntitugira isoni. Igihe twaronka Ukwo Guhishurirwa, hariho Ikintu Kinaka Cakuye ibihari muri twebwe, kandi ubu nta na kimwe gishobora gufata ikibanza cavyo. Dushimishwa no kwitwa Umwe muri Bo. Ishengero rya Bande. Umugwi wa Bande, Abantu ba Bande.

Turabatumiye kuza kwumviririza hamwe na Branham Tabernacle igikorwa c’Imana ca Bande, kuw’iyinga isamunani ku muhingamo, isaha ya Jeffersonville, mu gihe tuzoba dukoraniye hamwe n’igishika cinshi; dusubiramwo indagano zacu ubugira kandi, hanyuma dutangure bishasha, mu kwumviriza : Uguterwa Isoni, Ubutumwa bwavuzwe kw’igenekerezo rya 11 mukakaro umwaka wa 1965.

MweneData Joseph Branham.

Ivyanditswe vyo gusoma :

Uwera Mariko 8:34-38