Category Archives: Uncategorized

22-1113 Ivyo Vyanditse Birashitse Uyu Muns

Ubutumwa: 65-0219 Ivyo Vyanditse Birashitse Uyu Muns

Ibimenyeshejwe Ibimenyeshejwe ku bijanye n’ugusobanura mu zindi ndimi bikorerwa muri Branham Tabernacle

Mukunzi Ruvyaro Cami rwa Mpwemu rwa Aburahamu,

Ni irihe shengero ushobora kujamwo kandi ukamenya, ata gukekeranya na gatoya, ko Ijambo Ryose wumviriza ari Uko Niko Uhoraho Agize ? Nta na hamwe, kiretse wumviriza Ijambo Ry’Imana Rivuganira nawe ku mabande.

Turi inkukuma z’Imana kandi zitogira imyumvikano kw’Ijambo na Rimwe. Dushaka Manu Nshasha Yonyene kuri buri gikorane kandi ntishobora kuza ari nshasha gusumba kuYumviriza Ivuye neza ku Mana ubwaYo. Turushiriza kuguruka twatiriye ijuru uko twumviriza buri Butumwa. Uko tuduga hejuru, niko dushobora kubona birushirije. Namba ata Manu iri muri iri shengero, inkukumaz’Imana ziraduga hejuru gatoya birushirije gushika ziYibonye.

Ese ukuntu imitima yacu isimbishwa n’umunezero igihe twumva Imana Itubwira ko turi Ishengero Ry’Imana RyiWe ry’inkomoko, Ryavutse ubwa kabiri, Ryizeye Ijambo Ryose ry’Imana imbere y’ikintu ico ari co cose, tutaravye ico ari co, kuko turi Umugeni Jambo wiWe w’inkumi Atavanze.

Hari uruzazane hagati mu bantu iki gihe. Nk’uko vyari mu gihe ca Yesu, abo bigira abizera bafata insiguro y’ivyo umuherezi yavuga ku Vyanditswe. Bizera insiguro y’umuntu kw’Ijambo. Ni yo mpamvu bananiwe kubona Ukuri kw’Imana, kuko hariho insiguro nyinshi birenze z’abantu kw’Ijambo
ry’Imana. Imana Ntikeneye umuntu n’umwe wo gusigura Ijambo RyaYo. Ni umusiguzi waYo Bwite.

Wibaza ko iyo uba warabayeho mu gihe ca Yesu, woba warizeye Ijambo Ryose Yavuze, utaravye ico umuherezi wawe yavuze ? Woba warabwiye umuherezi wawe ko kwumviriza Yesu ko cari ikintu c’ingira kamaro gusumba ibindi ushobora gukora ? Woba waramubwiye ko Amajambo ya Yesu adakeneye insiguro ? Iyo baba bari bafise amabande ya Yesu Avuga Ubutumwa, woba warabwiye umuherezi wawe ko ushaka ko afyonda akavuza ku buryo ushobora kwumviriza neza na neza ico Yesu Yavuze n’ukuntu Yakivuga ?

Yemwe, nticari igihe cawe ; iki ni igihe cawe, uyu ni umwanya wawe. Bibiliya Yavuze ngo, Ni Wawundi ejo, uno munsi no mu bihe bidashira. Ico ukora n’ico uvuga ubu ni co woba warakoze neza na neza ico gihe.

Twizera ko U-m-w-a-n-a w’Imana nyene Yaje mu buseruko Yigaragaje ubwiWe nk’Imana Yagaragaye mu mubiri, ari uwo M-w-a-n-a w’Imana nyene mu kirere c’uburengero Yimenyekanishije ubwiWe muri twebwe. Twizeye ko uno munsi Iki Canditswe Gishitse imbere yacu.

Ndizera vy’ukuri ko uyu ari umwaka w’ubuntu, umwaka wa yubire. Namba wipfuza kuguma uri umuja kandi utizera ko Ubu Butumwa ari Uko Niko Uhoraho Agize; namba Ubutumwa bwiWe atari Icishimikizo Ntanyiganyizwa cawe; namba wizera ko hategerezwa kuba umuntu wo gusigura Ubutumwa; namba wizera ko ari bibi kuvuza amabande mw’ishengero ryawe; Rero utegerezwa gufatwa maze bagatoboza ugutwi kwawe uruhindu, hanyuma rero uzotegerezwa gukorera urya mutware iminsi yawe yose isigaye.

Ariko Ishengero Mugeni nyaRyo Ry’inkomoko Ryizera Ijambo Ry’Imana Ryose mu kunengesera kwaRyo n’inkomezi zaRyo. Turi Ishengero Ryatoranijwe Ryavuye muri ivyo bintu kandi Rija ku ruhande, n’ukugaragara kw’Imana kwatumye tumera magabo. Turi Rurya Ruvyaro Cami Rwa Mpwemu Rwa Aburahamu.

Turabakengurukiye kubwo kuba ng’aha kwanyu no munezerererwa aka karyo k’uku gufatanya natwe, turindiranye igishika c’ivyo Imana Igiye kuduha muri iki gikorane.

Kubw’ivyo turabatumiye kwifatanya natwe kuw’iyinga isaha zitandatu ku mutaga, kw’isaha ya Jeffersonville, (isaha imwe y’ijoro mu Burundi) mu gihe tuzokwumviriza Uyu munsi Ibi Vyanditswe Birashitse, Ubutumwa Bwavuzwe kw’igenekerezo rya 19 ruhuhuma, umwaka wa 1965. Dufise igishika c’ivyo Imana Igiye gukora muri ibi bikorane. Umuco w’akagoroba w’Umwana Waraje.

MweneData Joseph Branham.

Ivyanditswe vyo gusoma imbere yo kumviriza Ubutumwa

Yohana 16
Yesaya 61:1-2
Luka 4:16

22-1106 Urubuto Ntiruraganwa N Igishishwa

Ubutumwa: 65-0218 Urubuto Ntiruraganwa N Igishishwa

Ibimenyeshejwe Ibimenyeshejwe ku bijanye n’ugusobanura mu zindi ndimi bikorerwa muri Branham Tabernacle

Mukunzi Mugeni Jambo Nkumi,

Turi ng’aha. Twashitse. Igihe kirageze. Igishishwa caritandukanije n’Urubuto. Twarabaye mu Nyonga z’Umwana, tweze. Tuzoguma muri izo Nyonga gushika aho umugwi wacu mutoya uba uweze cane kuri Kristo, gushika aho ducika umutsima ku meza yiWe. Ishimwe ribe ku Mana !

Ubu Butumwa Bwagaragaje Malaki 4, Bwagaragaje Luka 17 :30, Bwagaragaje Abaheburayo 13 :8, Bwagaragaje Uwera Yohana 14 :12, Bwagaragaje Ivyahishuriwe Yohana igice ca 10, ukwugururwa kw’Udushashara Ndwi, amabanga y’Imana, uruvyaro rw’inzoka, ukurongora n’ukwahukana n’aya mabanga yose yandi yari yaranyegejwe munsi y’inkingi muri iyi myaka yose.

Turi inkumi kw’Ijambo. Ntidushobora kandi ntizokora ku kindi kintu ico ari co cose. Hamwe n’Ubutumwa bwose twumva, ni Bushasha kandi Bw’iki gihe; Manu Nshasha Ihejeje gukoroka Ivuye mw’Ijuru.

Ariko Yaratugabishije ko mu gihe c’iherezo hobaye impwemu zibiri zoba zegeranye cane, zozimiza n’abatoranijwe, namba vyari gushoboka. Rero, dutegerezwa kuba maso kuri iyo mpwemu mu gihe izoba imeze nk’Umugeni ubwayo.

Mwitegereze, murabe ukuntu isa n’iyiri hafi. Matayo yavuze, Uwera Matayo 24:24, yavuze ko, “Izo mpwemu zibiri mu minsi ya nyuma,” impwemu y’ishengero y’abantu b’ishengero, n’Impwemu y’Umugeni y’abantu b’Umugeni “zoba zegeraniye cane hamwe gushika aho vyohenda Uwatoranijwe nyene namba bishoboka.” Ni uko kuntu vyegeranye.

Yavuze IMPWEMU y’abantu b’ishengero n’IMPWEMU y’abantu b’umugeni bizoba vyegeranye cane. Ivyo
vyosigura ko impwemu y’abantu b’ishengero botegerejwe kuvuga ko bizeye Ubutumwa bw’igihe kugira ngo bibe IVYEGEREYE CANE.

Ntiboba ari aba Metodisiti, Batisiti, Peresipiteriyano, canke n’aba Pentekoti; bari kure cane y’Ijambo kandi barananse Ubutumwa. Nta n’umwe muri bo afise impwemu yegeranye n’iy’Umugeni.

Satani yaragerageje, kandi yarabishoboye cane, kuba umubeshi cane. No kuva kw’itanguriro, yavuze gusa ati, “Ata nkeka,” abwira uko Eva gukoresha ukwiyumvira kwiwe kandi ko yotegerejwe kumwumviriza kandi ntiyumvirize Ijambo gusa. Hariho ikintu kimwe conyene yategetswe gukora : kugumana n’Ijambo.

Ibiriho :

Namba ufise ikibazo, hategerezwa kuba inyishu. Ivyo ni vyo umuhanuzi yatubwiye. Inyishu itegerezwa kuva mw’Ijambo. Ijambo Riza ku muhanuzi wenyene. Umuhanuzi ni we musiguzi wenyene w’Ijambo. Namba
hari umugabo canke umugore abo ari bo bose baguhaye inyishu, itegerezwa kuba ico umuhanuzi yamaze kuvuga. Ntibishobora kuba insiguro yabo, iciyumviro canke ugutahura vyabo. Bategerezwa kubishigikiza n’Ijambo Ryavuzwe n’umuhanuzi yagaragajwe n’Imana. Si ijambo ry’umuhanuzi ryongeweko, ni ico umuhanuzi yavuze gusa.

Hariho imigwi ibiri ihuza ivyiyumviro.

1: Mutegerezwa kwizera Ijambo Ryose Riri ku ma bande nk’Ubutumwa nyamukuru buruta ubundi mutegerezwa kwumviriza.

2: Ntimutegerezwa kwizera Ijambo Ryose Riri ku ma bande, kandi igikorwa c’Imana ubu gifise ubutumwa nyamukuru buruta ubundi mutegerezwa kwumviriza.

Hariho ubwoko bwinshi, bwinshi butandukanye ku ciyumviro ca kabiri : Mpwemu Yera Azondongora canke umwungere wanje ategerezwa kutubwira ikiri canke ikitari Ijambo. Dukeneye vyinshi gusumba ivyo mweneData Branham yavuze gusa kw’ibande. Utegerezwa kuronka igikorwa c’Imana co gusigura canke gucagagura Ijambo. Ata gikorwa c’Imana ntushobora kuba Umugeni.

Hariho ukudasenyera ku mugozi umwe kwinshi, ariko ntibishoboka kubidondagura vyose. Ariko nta bitandukanye canke ukudasenyera ku mugozi umwe ku ciyumviro ca mbere. Ni WIZERE IJAMBO RYOSE, gusa.

Nk’abizera ubu Butumwa bw’igihe c’iherezo, utegerezwa kwibaza ubwawe ibi bibazo :

1: Urizera ivyo umuhanuzi yavuze ku ma bande ko ari Icishimikizo Ntanyiganyizwa cawe, canke wizera ko ari Mpwemu Yera muri wewe canke umwungere wawe?

2: Urizera ko igikorwa c’Imana kirimwo bitanu gifise ubutumwa nyamukuru gusumba ubundi Umugeni Akeneye kwumviriza, canke ni Ubwo Butumwa buri ku ma bande ?

Namba umwungere wawe, umuvugabutumwa, umwigisha, umuvugabutumwa canke umuhanuzi atakubwira ko kwumviriza amabande ari UBUTUMWA NYAMUKURU GUSUMBA UBUNDI utegerezwa kwumviriza, ni UW’IKINYOMA, KANDI IMPWEMU UMUHANUZI YATUGABISHIJE YOBA YAJE.

Namba avuga ko ARI Ubutumwa nyamukuru gusumba ubundi ushobora kwumviriza, ariko akanka kuvuza amabande mw’ishengero ryiwe, HARIHO IKINTU KINAKA KITAGENDA NEZA. Namba vy’ukuri yizeye ko kwumviriza amabande ari co kintu nyamukuru mushobora gukora, rero yovuza amabande UBWA MBERE, hanyuma akavuga ubutumwa namba yumva arongowe.

Akarorero gasanzwe :

Namba nababwiye, ko kunywa amazi atagira agatosi ari co kintu kimwe nyamukuru mushobora gukora kubw’amagara yanyu, kandi hariho ubwoko BUMWE bw’amazi yemewe kandi yemejwe ko ari amazi yo kunywa atagira agatosi… ariko iyo muje mu nzu yanje gufungura, sindabahe ayo mazi yemewe. Ndababwira nti, “mushobora kunywa arya mazi iwanyu ariko iwanje, mutegerezwa kunywa ivyo ndabahaye.”

Namba arya mazi ari co KINTU CIZA GUSUMBA IBINDI nshobora kubaha kubw’amagara yanyu, azobaha ubuzima, rero ikintu ca mbere ndabaha iyo mwinjiye mu nzu yanje ni arya mazi yo kunywa atagira agatosi.

Mbega mfise amakosa mu kuvuga nti, “VUZA AMABANDE MU MASHENGERO YANYU, ni co kintu ciza kuruta ibindi mushobora gukorera abantu banyu. Ni Uko Niko Uhoraho Agize.”

Canke, bafise amakosa mu kuvuga bati, “Ni bibi kuvuza amabande mw’ishengero, mweneData Branham ntiyigeze avuga kuvuza amabande mw’ishengero ryanyu. Tubwira abantu kuvuza amabande mu mazu yabo, mu modoka zanyu, igihe cose, ARIKO mw’ishengero bategerezwa kwumviriza JEWE.”

Ni iyihe Mpwemu Ikurongora? Mbega uvuga uti, “ibivugwa ku ma bande ni Icishimikizo Ntanyiganyizwa canje n’ikintu nyamukuru kuruta ibindi nshobora kwumviriza”? canke, uvuga uti, “Amabande ntahagije. Si Icishimikizo Ntanyiganyizwa canje kandi si ikintu nyamukuru gusumba ibindi co kwumviriza, coba ari igikorwa c’Imana ?”

Ubu ni igihe c’Urubuto, canke igihe c’Umugeni. Ibishishwa vyarapfuye. Ibishishwa vyarumye. Igihe c’Ijambo Nkumi, Ritakozweko. Ni inkumi, mwibuke, igihe c’Inkumi- Jambo.

Ni mwumvirize Manu Nshasha Ihejeje gukoroka Ivuye mw’Ijuru uyu w’iyinga isaha zitandatu ku mutaga, kw’isaha y’i Jeffersonville (isaha imwe y’ijoro mu Burundi), mu gihe tuzokwumviriza Urubuto Ntiruraganwa n’Igishishwa, Ubutumwa Bwavuzwe kw’igenekerezo rya 18 ruhuhuma umwaka wa 1965.

MweneData Joseph Branham.

22-1030 Umuntu Ahunga Mu Nyonga Z Uhoraho

Ubutumwa: 65-0217 Umuntu Ahunga Mu Nyonga Z Uhoraho

Ibimenyeshejwe Ibimenyeshejwe ku bijanye n’ugusobanura mu zindi ndimi bikorerwa muri Branham Tabernacle

Bakunzi Myagazi y’Intama y’Umwami,

Ese ukuntu imitima yacu inihira kubw’iki gihe ca buri yinga igihe dushobora guhurira hamwe kw’isi yose kwumva Ijwi ry’Imana Ritubwira Ijambo ry’Ubugingo Budashira. Nta kindi kintu na kimwe gihaza ubugingo bwacu kandi kitumara inyota atari Ijwi ry’Imana.

Waratubwiye, Data ko umurima uhambaye w’ivyimburwa wera, weze kandi ubu urutete rwiteguriye kuja mu gihe gihambaye c’iyimburwa. Urutete ubu ruri mu Nyonga h’Umwana kandi rwerera Ubwami bw’Imana.

Duhagarariye, Data, ivyizerwa vyacu vy’ivyo tuzi ko ari Ukuri ; Ijwi RyaWe kw’ibande ni ryo Jwi RYONYENE rizotunganya, Umugeni WaWe.

Biragoye mu gihe tudatahurwa namba na beneData na bashikibacu. Tubasaba kandi tubinginga kudahunga mu Nyonga hiWe, yamara birukire mu Nyonga hiWe.

Turazi ko hariho abagabo benshi basizwe Watoye kandi Washizeho kuragirango baragire ubusho bwaWe, bakunda ubu Butumwa n’imitima yabo yose, ariko Data, bananirwa gushira Ijwi RyaWe Ryagaragajwe kumabande imbere yabo. Bananirwa kubabwira ko ubu ari Ubutumwa bw’umuntu umwe kandi kandi ko Watoye uwo mugabo wo kurongora Umugeni WaWe. Bananirwa no kubabwira ko Ijwi RyaWe ari ryo Jwi RYONYENE Rizohuza kandi Ritunganye Umugeni WaWe.

Ntegerezwa “Kubivugiriza induru.” Kuvugiriza induru ikintu cose, n’abantu bose, ko ari ukurwanya kuvuza Amabande YaWe mu mashengero yabo. Kuvugiriza induru igikorwa cabo, kuvugiriza induru ishengero ryabo, kuvugiriza induru abahanuzi babo, kuvugiriza induru abakozi b’Imana babo, kuvugiriza induru abaherezi babo. Ntegerezwa kuvugiriza induru ico kintu cose!

« Vuga, naje kwifatanya namwe mwebwe bantu . Murazi, nibaza ko nzobabwira ico nzokora. Mfise gusa ikintu gitoya ng’aha nizeye ko nshobora kukigira i… tuje hamwe twese, maze dukore iki, kiriya canke kirya kindi. »

Ntegerezwa kubivugiriza induru, mu gihe Ijambo ryaWe Ryonyene, Ryavuzwe n’umuhanuzi waWe, Rishobora kudushira HAMWE.

Ukuvuga ubutumwa kwabo kubishobora gute? Bose ntibemeranya kandi babona ibintu ukuntu gutandukanye, kiretse ikintu kimwe, bose bemeranya ku… KUTAVUZA AMABANDE MU MASHENGERO YABO. Ivyo bishoboka gute, ga Data?

Watubwiye ko dutegerezwa kugira ICISHIMIKIZO NTANYIGANYIZWA KIMWE, naco ni Ijambo RyaWe. Watubwiye ko Ijambo Ryawe Riva ku muhanuzi waWe, WENYENE. Watubwiye ko ari we WENYENE ashobora gusigura Ijambo RyaWe. Watubwiye ko umukozi w’Imana wese, umuKristo asanzwe, umuntu wese, ashobora KUVUGA ICO YAVUZE CONYENE. Ijwi RyiWe ni ryo JWI RYONYENE ryagaragajwe n’Inkingi y’Umuriro ko ari Uko Niko Uhoraho Agize.

Sindiko ndavuga ko ari ab’ibinyoma canke batovuga ubutumwa. Nta n’ubwo ndiko ndavuga ko Umwami Atari kumwe nabo, canke ko batasizwe kandi bahamagariwe kuvuga ubutumwa, ariko ntegerezwa kubavugiriza induru igihe batazobwira abantu babo ko kwumviriza amabande ari co kintu c’ingira kamaro gusumba ibindi bashobora gukora.

Guhindura akanyuguti kamwe canke akarongo kamwe ni urupfu. Waratanze uburyo ku Mugeni WaWe bwo kwumviriza Uko Niko Uhoraho Agize n’amatwi yabo bwite. Bashobora gute kutigisha abantu babo ko ari bwo Butumwa bw’ingirakamaro gusumba ubundi bategerezwa kwumviriza? Ni bwo Butumwa Bwonyene nshobora kuvuga AMEN kw’Ijambo Ryose, mu gihe atari Ijambo ry’umuntu canke insiguro y’umuntu y’Ijambo RyaWe, ni Ijambo RyaWe Ritagira agatosi.

Wavuze ko Ubutumwa n’intumwa ari co kimwe. Umuhanuzi wawe yaraRivuze kandi ko Worishikije. Ijambo RyaWe Ryavuzwe n’umuhanuzi waWe Ntirikeneye insiguro mu gihe ari Umwana w’Umuntu Avugana n’Umugeni WiWe Adaciye ku ruhande.

Ntegerezwa kwinginga abantu, nimugaruke ku rukundo rwanyu rwa mbere. Mugaruke ku co muzi ko ari UKO NIKO UHORAHO AGIZE. Namba mwamye mwibaza inzira yo kujamwo canke ico mutegerezwa gukora, muje ku bwato hamwe natwe iri joro. Tumanutse i Ninewe, gusemerera. Dufise inshingano imbere y’Imana, n’ubu Butumwa kw’ibande.

Twizeye ko Ukuza k’Umwami kuri hafi, kandi Agiye kugira Umugeni, kandi turiteguye. Nta kindi dushaka kiretse Ijambo Ritagira agatosi ry’Imana Ryavuzwe n’umuhanuzi waYo. Tugiye mu Bwiza, muze tujane mu bwato bwacu.

Namba mwizeye ko ubu Butumwa ri Ukuri, kandi bibereye kububamwo, bibereye kubupfira, muze dufatanye kuri uyu w’iyinga isaha zitandatu ku mutaga kw’isaha y’i Jeffersonville,(isaha icumi na zibiri z’umugoroba mu Burundi) mu gihe tuzokwumviriza Ubutumwa twizera ko ari ngirakamaro kandi bwihutirwa kuri twebwe kwumviriza : Umuntu Ahunga mu Nyonga z’Uhoraho, bwavuzwe kw’igenekerezo rya 17 Ruhuhuma umwaka wa 1965.

Muri imyagazi y’intama yanje. Bimeze gute ? Muri imyagazi y’intama z’Umwami Yampaye kugaburira.
MweneData Joseph Branham.

Ivyanditswe vyo gusoma :

Yona 1:1-3
Malaki 4
Yohana 14:12
Luka 17:30

22-1023 Ibibazo n Inyishu #4

Ubutumwa: 64-0830E Ibibazo n Inyishu #4

Kuvoma Ubutumwa

Ibimenyeshejwe Ibimenyeshejwe ku bijanye n’ugusobanura mu zindi ndimi bikorerwa muri Branham Tabernacle

Mukunzi mweneData Joseph,

1.            Narumvise uvuga ko wizera ko IJAMBO RYOSE ry’ubu Butumwa ari NIKO UHORAHO AGIZE.

Kuva i bwina mu mutima wanje hamwe n’ibimbamwo vyose NDAVYIZEYE. Ni Ijwi ry’Imana nyene Rivugana n’Umugeni WaYo umunwa ku gutwi.

Imana Yavugiye mu muhanuzi waYo Ivuga Iti :

Nivyo mvuze, mw’Izina rya Yesu Kristo! Ntimwongereko ikintu na kimwe. Ntimukureko, ntimushire ivyiyumviro vyanyu bwite muri Ryo. Muvuge gusa ikivuzwe muri izo bande. Mukore gusa neza na neza ico Umwami Imana Yategetse gukora. NtimwongereKo.

Namba uvuga ko wizera ubu Butumwa bw’igihe c’iherezo, utegerezwa no kwizera BURI JAMBO RYOSE kugira ngo ube Umugeni waYo. Satani agerageza kuRyoza biciye mu gikorwa c’Imana kandi avuga ati, “Igihe mweneData Branham yavuga inkuru z’uguhiga canke avuga ati ‘mufise umutetsi wa mbere mu gihugu’, canke ati, ‘simfise Icanditswe c’ivyo, ariko ndababwira ico niyumvira,’ ntimutegerezwa kwizera ico gice. Mpwemu Yera Ari ng’aha kugira ngo Aturongorere gutahura Ijambo iryo ari Ryo, niritari ryo.” IYO NI YA DAYIMONI NYENE YAVUGANYE NA EVA KANDI YAVUZE, ATA NKEKA… NTIYASHAKA KUVUGA IJAMBO RYOSE. Hari ico bibibutsa?

Bakora neza na neza ico YABATEGETSE kudakora. Yavuze KUVUGA ICAVUZWE ku ma bande, atari gushira ivyiyumviro vyanyu canke ugutahura kwanyu kuri Ryo. Ntiyavuze “ikintu cose KIRETSE iki gice na kirya gice, kandi umwungere wanyu azobabwira igihe Mpwemu Yera Yariko Aravuga n’igihe yari jewe nariko ndavuga.” Ndi akabuye gatoya gusa ku nkombe muri aya mabuye maniniya.

2.            Wiyumvira ko mweneData Branham hamwe n’amabande yiwe / canke amabande yiwe ari icishimikizo ntanyiganyizwa?

MweneData Branham si Icishimikizo Ntanyiganyizwa canje ariko Ubutumwa yavuze kw’ibande ni Icishimikizo Ntanyiganyizwa canje c’ukuri.

Abantu benshi bavuga ko ivyo atari vyo, ko Bibiliya ari Icishimikizo Ntanyiganyizwa. Mugenzi wanje, Bibiliya n’ubu Butumwa bwo kw’ibande ni ikintu kimwe.

Nico nyene kigize ubu Butumwa. Ubu Butumwa bwo kw’ibande ni insiguro ya Bibiliya. Ni bimwe kandi ni ikintu kimwe.

Ikintu gisanzwe nuko,  1 : Bibiliya Ni Ijambo. 2 : Ijambo Riza ku muhanuzi. 3 : Umuhanuzi ni we WENYENE musiguzi w’Ijambo ava ku Mana. 4 : Umuhanuzi wacu, William Marrion Branham, ni Ijambo Ryagaragajwe ry’igihe cacu kandi yarungitswe gusigura Ijambo. 5 : Ijambo ry’Imana NtiRikeneye insiguro. Ico Ivugiye mu muhanuzi waYo kw’ibande NI INSIGURO Y’IJAMBO RYAYO.

Bibiliya Itubwira ko Yaje ubugira kandi, kandi Akaba mu mubiri nka kurya nyene Yakoze hamwe na Aburahamu na Yesu Kristo. Yavuze ko Yari Agifise ibintu vyinshi vyo kutubwira. Yavuze ko Yohishuye aya mabanga yose ahambaye anyegejwe mw’Ijambo RyiWe. Yavuze ko bitari bikeneye insiguro. NtiYigeze Avuga ko Yorungika umugwi wo kurongora no guhuza ihanga ryiWe, WE UBWIWE YORONGOYE IHANGA BICIYE MU MUHANUZI WIWE NK’UKO YAMYE ABIKORA. IJAMBO RYIWE NTIRISHOBORA GUHINDUKA.

3.            Wizera ko abungere botegerejwe kuvuza amabande mu mashengero yabo?

Umwungere wese ategerezwa gukora nk’uko yumva arongowe n’Umwami gukora, mu gihe ishengero ryose ryigenga. Ndizera, kandi narabivugiye kenshi kuri alutari, ko abungere botegerejwe kugarukana mweneData Branham kuri alutari yabo mu kuvuza amabande. Sinigeze mvuga ko bategerezwa guheba kuvuga ubutumwa, ko bategerezwa kuvuza amabande gusa. Ariko bakoresha icitwazo cose kibaho kugira ngo ntibavuze  Ijwi ry’Imana mu mashengero yabo.

Nzoreka umuhanuzi avuge uko niyumva igihe abungere batazovuza iryo Jwi mu mashengero yabo.

Rero, mweneData Junior Jackson yari afise uburenganzira bwo kutemeranya n’ivyo. Ashaka ko ishengero ryiwe… Abantu bose bashaka uvuga mu ndimi n’ibindi mw’ikoraniro. Izo ni zo ngorane za mweneData Junior, ivyo ni—ivyo biramuraba. Ariko Junior Jackson yizera ubu Butumwa co kimwe na… n’uwo ari we wese muri twebwe. Ni umwe muri twebwe.

4.            Wizera ko abakozi b’Imana botegerejwe guhagarika kuvuga ubutumwa ?

Oya, sinigeze mvuga ivyo nta n’ubwo ndavyizera. Ijambo Ritubwira, kandi  mweneData Branham yaratomoye neza muri ubu Butumwa bw’Ibibazo n’Inyishu, kugira ngo abakozi b’Imana babandanye.

Numva ndongowe gusa, kw’ishengero ryanje, gukora intangamarara yihuta; canke nkoresheje ikete ubu, hanyuma rero gufyonda tukavuza no kwumviriza Ijwi ry’Imana RYONYENE Ryagaragajwe Ryo muri iki gihe. Navuze kenshi ko mfise igikorwa c’Imana gihambaye kurusha ibindi mw’isi, nshobora gushikiriza Ijwi ry’Imana ishengero ryanje buri munsi w’iyinga.

5.            Abantu bavuga ko wumva ko udakurikiye ibikorane vya Branham Tabernacle utaba uri Umugeni?

Nta NA RIMWE navuze ivyo canke ngo ndanavyiyumvire, beneData na bashikanje. Uwo ari we wese yovuga ikintu nk’ico yoba yihenze. Nk’umwungere wa Branham Tabernacle, numva ndongowe kuvuza amabande ya mweneData Branham. Nizera yuko rirya Jwi ari co kintu conyene kizohuriza hamwe Umugeni.

Nk’uko navuze kare, nizera ko ikintu cose kiri ku ma bande ari Niko Uhoraho Agize kandi ntigikeneye insiguro. Nshobora kuvuga amen kuri buri Jambo Ryose numva. Nizera ko William Marrion Branham yarungitswe guhamagarira Umugeni gusohoka. Ikibanza canje mu bikorwa vy’Imana bitanu ni ukurongorera abantu kuri irya ntumwa hanyuma rero gufyonda ukavuza. Nta kintu na kimwe kiruta kwumviriza rirya Jwi. Ugusigwa guhambaye kwa mbere kuri, kuri ayo mabande, none ni kuki noshaka guha ishengero ryanje ikindi kintu na kimwe?

Buri munsi w’iyinga ntumirira isi kwumviriza Ubutumwa Imana yashize ku mutima wanje bwo kuvugiriza ishengero ryanje. Umwe wese ahawe ikaze kugira ngo yumvirize mu mwanya umwe.

Nkoreshe ivyo mweneData Branham yavuze ku ma bande nk’umurongozi wanje.

Kandi twaronse ubu buryo bwo gukorera kw’iterefone ubu, akaba ari vyiza cane, cane. Abantu bashobora kwicara neza mu mazu yabo canke… gukoranira mu bibanza vyabo, amashengero yabo, n’ibindi, maze bakwumviriza igikorane. Ndabinezererwa.

Rero, mwungere, ndashaka ko umenya ko, ko, ibi bintu ari ikoraniro ryanje ryonyene ndabibwira. Kandi mfise uburenganizira bwo kubikora, kuko nashiriweho na Mpwemu Yera kwitwararika izi ntama.

Ubu Butumwa, n’ubundi Butumwa bwose mvuga, bugenewe ikoraniro ryanje. Si ubw’ikoraniro ryawe kiretse bashaka kuBwakira. Ariko Bugenewe aba bantu ng’aha.

Kandi ni iyo si idukikuje. Kandi abantu bavyuka mu gicugu mw’ijoro, mu bihugu vya kera, bagumya uyu murongo w’amasengesho mu mwanya umwe. Mu mvugo isanzwe, ibihumbi n’ibihumbagiza basengera mu mwanya umwe. Imana Itegerezwa kwumva ; neza mu—neza mu—neza kubw’amasengesho yanyu muriko muregereza Ijuru, murabona, rero Itegerezwa kwumva.

6.            Mbega ni bibi kuja kw’ishengero ?

Sinigeze mvuga ivyo canke nizera ivyo. Iyo mba nizera ivyo ni kuki nogira ishengero? Kuri Branham Tabernacle twari dufise ibikorane 3 kw’iyinga gushika aho bicika ibigoye cane kuri jewe kugira ivyo bikorane vyinshi buri yinga no gukora igikorwa  kuri VGR. Twaciye tugira rero ibikorane bibiri buri yinga kuri Tabernacle gushika aho vyabaye ibidashoboka kuhakwiza abantu. Rero twimukiye mu nyubako yacu twakoresha ku bakiri bato, nayo yari inzu y’imyimenyerezo yo kunonora imitsi.

Umwami Yanshize ku mutima gukora itangazo umunsi umwe wo kuw’iyinga mu gitondo. Navuze ko naho bokwugara iyi miryango y’ishengero umunsi umwe, ntitwosimba umutima mu gihe umwungere wacu yoshobora kuvugana natwe aho twoba turi hose. Inyuma y’ukwezi kumwe, haje COVID yugaye amashengero kw’isi yose.

Numvise ndongowe muri ico gihe, ko koba akaryo keza ko gusubiramwo iyo nyubako yo kunonoreramwo imitsi, mu gihe twari dukeneye aho dusengera. Rero, twaranezerewe mu mazu yacu, twunze ubumwe kandi twumviriza umuhanuzi w’Imana kw’ibande hamwe n’igice c’Umugeni kw’isi yose, mu gihe ishengero ririko rirasubirwamwo.

Ubu turiko turaheza inyubako, ariko neza nk’igihe mweneData Branham yari ng’aha kuri Branham Tabernacle, twaramaze kurengera igituro twubatse. Tuzotegerezwa gusenga no kuraba ukuntu Umwami Arongora.

Ndazi ko hariho ibindi bibazo umurengera, vyinshi rwose ku mitima y’abantu. Hariho ibintu vyinshi navuze vyatahuwe nabi. Namba mweneData Branham yatahurwa nabi, bizocura iki kuri jewe ?

Nshobora kwihenda mu vyo navuze. Nshobora kuba nabivuze neza kuruta canke narabitomoye neza kuruta uburyo navyerekanye. Ariko hariho ikintu kimwe NZI yuko ari co, UBU BUTUMWA BURATUNGANYE. Ntimutegerezwa kwumviriza jewe canke ico mvuga, ariko MUTEGEREZWA GUFYONDA MUKAVUZA NO KWIZERA BURI JAMBO RYOSE.

Ubugira kandi, ndabatumiriye kwifatanya na Branham Tabernacle kuri uyu w’iyinga isaha zitandatu ku mutaga kw’isaha y’i Jeffersonville (isaha icumi na zibiri ku mugoroba mu Burundi), mu gihe twumviriza : Ibibazo n’Inyishu igice ca 4, Ubutumwa Bwavuzwe kw’igenekerezo rya 30 myandagaro ku mugoroba, umwaka wa 1964.

MweneData Joseph Branham.

22-1009 Ibibazo N Inyishu #2

Ubutumwa: 64-0823E Ibibazo N Inyishu 2

Kuvoma Ubutumwa

Ibimenyeshejwe Ibimenyeshejwe ku bijanye n’ugusobanura mu zindi ndimi bikorerwa muri Branham Tabernacle

Mukunzi Mugeni w’Inkumi kandi Utunganye,

Imana Iradukunda cane rwose ku buryo Yahaye umuhanuzi waYo kwishura ibibazo vyacu VYOSE kandi yashize inyishu kw’ibande.
Iyo tubikeneye, ico dutegerezwa gukora gusa ni UKWIZERA N’UGUFYONDA TUKAVUZA.

Mbega ndafise Mpwemu Yera ?

Ikimenyamenya ca Mpwemu Yera, ni igihe Imana Iguhishurira kandi ukabona, UKO NIKO UHORAHO AGIZE kandi ukavyakira.

Rero ndaMufise Mwami, mu gihe Wampishuriye ubu Butumwa kandi naBwakiriye nka Uko Niko Uhoraho Agize !

Ariko, umengo ndananirwa cane rwose… none ni gute ku vya kahise kanje ?

Si ico uri, ico wari uri, canke ikintu na kimwe kuri ivyo, ni ico Imana Yagukoreye ubu. Ng’ico ikimenyamenya.

Mwami, Ntubona ivyanje vya kera kandi Ntunabona amakosa yanje menshi, menshi ubu, Wumva gusa ijwi ryanje ; SHIMWA MWAMI, NDAFISE MPWEMU YERA.

MweneData Branham, ndazi ko wavuze ko atari wewe wenyene uvuga ubutumwa, none ni nde azoba arongoye Umugeni wa Kristo mu gihe c’iherezo ?

Hamwe n’imfashanyo y’Imana, nibaza ko ndongoye Umugeni wa Yesu Kristo.

Mfise ibintu vyinshi ku mutima wanje, nokora iki ?

Nta na kimwe kindi gifise akamaro atari gukoraniriza hamwe abana b’Imana bose no kuvuga uti, « Tugende. »

Urakoze Mwami, dukora ivyo nyene. Nta na kimwe kindi gifise akamaro kuri twebwe atari Ijambo RyaWe. Mpwemu Yera WaWe Aturongorera mu muhanuzi waWe kandi dukoranira kw’Ijambo ryaWe kw’isi yose, kandi twiteguriye kugenda.

Mfise ibibazo vyinshi. Nkeneye impanuro, imfashanyo, n’inyishu. Ivyo ndabironka hehe ?

Ndi ng’aha kugira ngo ngerageze kubafasha, kuko ndabakunda. Muri abana banje navyariye Kristo. Ndabohoza umwe wese muri mwebwe. Ndababohoje iri joro; Ndababohoza umwanya wose; Ndababohoza iminsi yose nka mweneData na mushikanje.

Natwe turagukunda mweneData Branham. Turazi ko Imana Yakurungitse kuturongora no kutuyobora.
Twarabisuzumye hamwe n’Ijambo kandi biri ku murongo mu buryo butunganye.

Ni nde data mu Butumwa Bwiza ?

Muri abana banje ; Ndi—ndi so mu Butumwa Bwiza, si data nk’aho yoba ari umupatiri, ndi—ndi so mu Butumwa Bwiza nk’uko Paulo yavuze hariya.

Turazi ko ari Mpwemu Yera Akurongorera kuturongora, mweneData Branham. Uvuga neza nk’uko Paulo yavuze muri Bibiliya, gukurikira neza na neza ivyo wavuze, mu gihe ari ukuri, kandi ntidutegerezwa guhindura akanyuguti kamwe canke agace kamwe.

Utegerezwa gukora iki mweneData Branham ?

Nabavyariye Kristo, kandi ubu, nda—ndabashingira Kristo, ivyo bibafatanya na Kristo nk’inkumi itunganye. Ntumpemukire! Ntumpemukire ! Ugume uri inkumi itunganye.

Wadushingiye Kristo nk’inkumi kw’Ijambo ryiWe. Ntidushobora, kandi ntituzonagendana n’uwundi. Dusuzuma ikintu cose twumva n’ico dukora vyose mw’Ijambo RyaWe Ryabitswe.

Ni ikihe kintu c’ingira kamaro kuruta ibindi vyose nshobora gukora kugira mbe Umugeni WiWe, mweneData Branham?

Gumana neza n’Ijambo.

Inyishu zose ku bibazo vyacu zishobora kwegeranirizwa muri aya majambo :

GUMANA NEZA N’IJAMBO.

Ubu Butumwa NI Ijambo ry’igihe cacu. MweneData Branham ni Ijwi ry’Imana ry’igihe cacu. Ikintu cose gitegerezwa kuja ku murongo w’Ijambo. Ijambo ntirikeneye ugusigurwa. Ni DUFYONDA TUKAVUZA,
IVYO DUKENEYE VYOSE BIRONKERWA HARIYA, KU MA BANDE.

Ufise ikintu ku mutima wawe ukenereye inyishu ? nuze wifatanye natwe kuw’iyinga isaha zitandatu ku mutaga, kw’isaha ya Jeffersonville, (isaha icumi na zibiri ku mugoroba mu Burundi) mu gihe turonka inyishu zacu zose, twumviriza Ibibazo n’Inyishu igice ca 2, Ubutumwa Bwavuzwe kw’igenekerezo rya 23 myandagaro ku mugoroba, mu mwaka wa 1964.
MweneData Joseph Branham.

22-1002 Ibibazo N Inyishu 1

Ubutumwa: 64-0823M Ibibazo N Inyishu 1

Kuvoma Ubutumwa

Ibimenyeshejwe Ibimenyeshejwe ku bijanye n’ugusobanura mu zindi ndimi bikorerwa muri Branham Tabernacle

Mukunzi Branham Tabernacle,

Namba udashobora kuza ng’aha kw’ishengero, rondera ishengero ahantu hanaka ; ujeyo. Namba udashobora kwumviriza amabande hamwe natwe, umviriza amabande ahantu hanaka. Kuvuza no kwumviriza amabande ni ikintu ngira kamaro gusumba ibindi vyose uwuvuga ubutumwa, umwigisha, intumwa, umuhanuzi, umuvugabutumwa canke wewe, mushobora gukora.

Aha ni icicaro co muhira ; ni icicaro gikuru canje ; ng’aha ni ho tugerereye. Rero, bigumize mu bwenge bwawe icoshika cose. Rero, namba uri umunyabwenge, uzotahura ikintu kinaka. Icoshika cose, iki ni icicaro gikuru cacu, ng’aha nyene. Kandi mubigumize mu bwenge hama uzogaruke kuri iyi bande umunsi umwe, iyo wanyumvise ndabivugishwa. Ni vyiza, muvyibuke.

Umuhanuzi yariko arakora iki ? Kubika imfungurwa. Kubika imfungurwa ku buryo tuzoronka Ikintu Kinaka co gufungura, Ikintu Kinaka tuzokorerako umunsi mukuru. TuKironka kuma bande yacu mu gafuto k’icumba cacu.

Yavuze ko hazoba ikigega kimwe gitoya conyene mu gihugu cose, ikigega kimwe gitoya. Yashizeyo ibikenewe vyinshi : Ikimenyetso, Icishimikizo Ntanyiganyizwa, Udushashara, Ibihe Ndwi vy’Ishengero, Muhira ho muri kazoza, Kwemeza Ijambo RyaYo, ivyo vyose ni ivyacu twese, ku buryo twoguma ng’aha gusa maze tukumviriza yaramaze kugenda.

Bisa n’aho yagiye kuva kera, ariko turacibuka, ko ibi bintu ari ivy’ukuri. Ubu ni ubuzima dutegerezwa kugenderamwo twenyene.

Ibigega BIRUZUYE. Nta bindi Bifungurwa vyemejwe n’Imana ubwaYo ko ari IJAMBO RITAGIRA AGATOSI ata kwandura Rifise.

Namba wipfuza gukora umunsi mukuru hamwe natwe, turaguhaye ikaze kwifatanya natwe, kuri uyu w’iyinga isaha zitandatu kw’isaha y’i Jeffersonville (isaha icumi na zibiri zo ku mugoroba mu Burundi) mu gihe tuzoja ku Meza maze tugafungura nk’umushitsi wiWe.

Ibibazo n’inyishu, Ubutumwa bwavuzwe kw’igenekerezo rya 23 myandagaro mu gitondo, umwaka wa 1964.

MweneData Joseph Branham.

22-0925 Ukwemeza Ijambo RyaYo

Ubutumwa: 64-0816 Ukwemeza Ijambo RyaYo

Kuvoma Ubutumwa

Ibimenyeshejwe Ibimenyeshejwe ku bijanye n’ugusobanura mu zindi ndimi bikorerwa muri Branham Tabernacle

Mukunzi Munyu w’Isi,

Neza mu gihe hasa naho bitoshobora kugenda neza kurushiriza, Aduha uwundi Muzigo w’Amabande y’Uguhishurirwa. Dufise ubuserukizi buvuye k’ugutoranywa. Niyo mpamvu tuza tuvuye mu buseruko no mu burengero, mu buraruko no mu bumanuko, kugira ngo twumvirize Ijambo Rizima Ryagaragajwe.

Igihe Imana Yarema isi, twari mu vyiyumviro vyaYo. Igihe umurezi aguma udutunga urutoki kandi akabwira Data ati : « bakoze ibi, bakoze ibi, bakoze ibi », Amaraso y’Umwami Wacu Yesu Aradutwikira. Iyo turiko turasenga, Imana Ntitubona, Yumva gusa ijwi ryacu biciye mu Maraso ya Yesu.

Satani ntashobora kuvurugana ; canke, ashobora kugerageza, ariko ntashobora gucakira umuKristo yavutse ubwa kabiri. Kuko, Imana, kuva kw’itanguriro ry’isi, Yamubonye imbere y’igihe, maze Irungika Yesu kugira ngo Amucungure, kandi Amaraso Aramuvugira. Ashobora gukora icaha gute, mu gihe bidashobora kubonwa n’Imana ubwaYo ? Nta n’ubwo akora… Ikintu conyene Yumva, ni ijwi ryawe. Ibona ubuserukizi bwawe. Amen ! Uko ni ukuri. Murabona ?

Umuhanuzi w’Imana yaratubwiye ibi bintu. Si we yavuga ; avuga gusa ivyiyumviro vy’Imana, IbiYigize vy’ibintu bitegerezwa kuza. Akoresha akanwa kiwe kugira ngo abivuge. Hanyuma amaze kubivuga, bitegerezwa gushika. « Ijuru n’isi bizovaho, ariko Ijambo RyaNje Ntirizokwigera Ryihenda.

Yatwemeje Ijambo ryaYo kenshi cane. Mbega ntiyatwemeje ko ari : Umwana w’umuntu Yihaye umubiri hagati muri twebwe ? NtiYatwemeje ko : Umuhanuzi wacu ashitsa Ivyanditswe Vyose Vyavuzwe kuri we ? NtiYatwemeje ko : turi Umugeni WiWe ? NtiYatwemeje ko : Dufise ikimenyamenya c’ukuri ca Mpwemu Yera ?

None duhagarika umutima kubera iki ? Yaratwemeje ko ni twaguma mu ruhande rwiWe, Azodushigikira. Ijambo RyiWe Ntirishobora kunanirwa na rimwe.

Abizera Ubu Butumwa n’iyi ntumwa y’iki gihe bose bazokizwa. Abatizera Ubu Butumwa n’iyi ntumwa, bazohonera hamwe n’isi.

Mwumvirize neza shengero. Benshi cane batahura nabi, canke ntibafise Uguhishurirwa kw’Ijambo. Bumva ko twashize hejuru umuntu birenze urugero. Namba vy’ukuri wizeye ko mweneData Branham ari umuhanuzi w’Imana, rero ugurura umutima wawe n’ubugingo bwawe maze wumvirize ico: Uku Niko Uhoraho Agize Avuga.

Ni igiki kizohuriza hamwe Umugeni ? Ni igiki kizohuriza hamwe Umugeni kugira ngo Acike umwe n’Imana ?

« Muri ico gihe, Umwana w’umuntu Azohishurwa. » Iki ? Gufatanya Ishengero ku Mutwe, kuba umwe, ubukwe bw’Umugeni. Uguhamagara kw’Umukwe kuzoza neza guciye muri ibi, igihe Umwana w’umuntu Azomanuka maze Akaza mu mubiri w’umuntu kugira ngo ahurize abo babiri hamwe. Ishengero Ritegerezwa kuba Ijambo. We Ni Ijambo, kandi abo babiri bahurira hamwe, kandi mu gukora ivyo, bizosaba ukugaragara kw’uguhishurwa kw’Umwana w’umuntu.

Bizosaba ukugaragara kw’uguhishurwa kw’Umwana w’umuntu. Atari ico uvyibazako, atari ugutahura kwawe, atari ivyiyumviro vyawe nta n’ubwo ari ukuvuga ubutumwa kwawe. Umwana w’umuntu azohuza Umugeni n’Umukwe, kandi biriko biraba UBU NYENE.

Ubu turi mu Munsi Mukuru w’Ubukwe hamwe n’Umukwe kandi vuba tuzogenda mu Mazimano y’Ubukwe no mu Nkinga yacu.

Ijambo n’Ishengero bicika ikintu kimwe. Ico Umwana w’umuntu Akora cose, Yari Ijambo, Ishengero Rikora co kimwe.

Dushobora kubeshwaho gusa n’Ijambo Ryose Riva mu Kanwa k’Imana ! Imana Yaremeje ko umuhanuzi wacu ari Umuvugizi w’Imana w’iki gihe. Tuzi gute ko ari Ijambo ry’Imana ? Niko Yavuze, hanyuma Yaravyemeje n’Ijambo RyaYo.

Turi Ishengero-Mugeni Ryiteguye mu minsi ya nyuma. Abahamagariwe gusohoka bava mu bandi bose; irya nyoni yamijukiwe imijukiwe n’Amaraso yiWe.

Data, imitima yacu irasimbagurika, n’umutima wanje urahuzagizwa, iyo ndavyiyumviriye kandi nzi yuko Amajambo YaWe ari ay’ukuri, nta na Rimwe muri Yo Rishobora kunanirwa, nta na rimwe.

Iyi niyo nzira yonyene Imana Yateguye kubw’iki gihe. Ni inzira YONYENE yo kudahindura Ijambo na Rimwe. Mwibuke, Mpwemu Yera Ashobora kuza maze Agasiga umuntu, ariko kandi biri hanze y’Ubugombe bw’Imana. DUTEGEREZWA KUGUMANA N’IJAMBO RY’INKOMOKO RYAGARAGAJWE.

Namba wokwipfuza kugumana n’Iryo Jambo no kwumviriza Ijwi ry’Imana hamwe natwe, ndagutumiye kwifatanya natwe kuw’iyinga isaha zitandatu ku mutaga, kw’isaha y’i Jeffersonville (isaha icumi na zibiri ku mugoroba mu Burundi), mu gihe tuzokwumviriza : Ukwemeza Ijambo RyaYo, Ubutumwa Bwavuzwe kw’igenekerezo rya 16 Myandagaro, umwaka wa 1964.

Ntutegerezwa kwifatanya natwe canke no kwumviririza ibande imwe mu gihe kimwe hamwe na twebwe, ariko ndakwinginze, umviriza umuhanuzi w’Imana.

MweneData Joseph Branham.

Ivyanditswe vyo gusoma imbere y’igikorane:
Matayo 24:24
Mariko 5:21-43
Mariko 16:15
Luka 17:30
Luka 24:49
Yohana 1:1
Yohana 5:19
Yohana 14:12
Abaroma 4:20-22
1 Abatesalonike 5:21
Abaheburayo 4:12-16
Abaheburayo 6:4-6
Abaheburayo 13:8
1 Abami 10:1-3
Yoweri 2:28
Yesaya 9:6
Malaki 4

22-0918 Ahantu Umukwe Wo MwIjuru NUmugeni Wo Kw Isi Bazoba Muri Kazoza

Ubutumwa: 64-0802 Ahantu Umukwe Wo MwIjuru NUmugeni Wo Kw Isi Bazoba Muri Kazoza

Kuvoma Ubutumwa

Ibimenyeshejwe Ibimenyeshejwe ku bijanye n’ugusobanura mu zindi ndimi bikorerwa muri Branham Tabernacle

Bakunzi Ncuti z’Umuhanuzi,
Umutima wanje ubiragizwa n’umunezero iyo niyumviriye kuri twebwe dukoranirijwe hamwe kuri uyu w’iyinga no kwumviriza Ijwi Ry’Imana Rivugana natwe. Nta munezero uhambaye mu buzima bwanje uruta uwo kuba mu nyonga za Mpwemu Yera no kuMwumviriza Avugana n’Umugeni wiWe, umunwa ku gutwi.

Nta kindi kintu na kimwe muri iyi si kinzanira umunezero n’amahoro atari Ijambo ryiWe. Iyo numvise gusa, « Mwaramutse Bagenzi, » ndicara, ngatuza maze nkanywa kuri iryo riba rya arutwaze mu gihe avuga Ambwira Amajambo y’Ubugingo Budashira. Kwiyumvira, ko Imana Yamurungitse kuri JEWE NAWE,
kandi ko turi ABAGENZI b’umuhanuzi w’Imana akaba n’intumwa .

Aradukunda cane ku buryo Yaturungikiye umuhanuzi wiWe kugira ngo atubwira vyose vyerekeye Aho tuzoba muri kazoza. Yari anezerejwe cane no kutubwira vyose biherekeye, no mu buryo bw’ido n’ido gusumba ivyabwiwe Yohana. Yaduhishuriye ko atari umurwa wa kwadarato, ariko ni umurwa wa piramide, aho Umwagazi w’Intama Azoba ku gasongero kandi Azoba Umuco w’isi.

Yatumenyesheje ko amabarabara azoba akozwe mw’ izahabu n’amazu tuzobamwo azoba akozwe mw’ izahabu ibonerana. Ashira neza na neza akantu kose bihuye n’ivyo dukunda, hamwe n’ivyo twipfuza gusa. Nta na kimwe Yasize kidakozwe. Umugezi wo mw’Ijuru Yayikoreye TWEBWE gusa, Abakunzi baYo.

Ibiti vy’Ubugingo bizoba biri hariya, kandi bizoba bizokwama ubwoko icumi na bubiri bw’ivyamwa. Amarembo y’uwo murwa ntazoba yugaye mw’ijoro, kuko nta joro ribayo hariya, Azoba Umuco Wacu.

Ni nde agiye kuzoba hariya ?

Ni nde yarokotse mw’isi nshasha hamwe na Nowa umuhanuzi ? Abinjiranye nawe mu bwato. Nivyo ? Abo ni bo bazoyigendagenderako. Murabona ? Abinjiranye na Nowa, kubw’ubutumwa bwiwe, ni bo bagendagendeye kw’isi nshasha inyuma y’umubatizo wayo wo mu mazi.

Avuga TWEBWE bagenzi banje ! Turi mu bwato bwacu bw’iki gihe ; Ijambo ryaYo, Ubu Butumwa, hamwe n’umuhanuzi wacu Nowa. Kandi muri kirya Gihugu, urya Murwa aho Umwagazi w’Intama ari Umuco, azoTUmenya. Turi abantu biwe, utubuyenge twiwe mu gitsibo. Twavuye mu Buseruko no mu Burengero, tuja mu Murwa Wubatswe n’imfuruka zine. Ca Gisagara Aburahamu yarondera.

Nk’uko mbona Ijambo Ryigaragaza ubwaRyo, ndabizi, ata gukekeranya na gatoya, utubuyenge tw’igitsibo canje tuzokayangana gusumba ibintu vyose vyo mw’isi, ico Gihe.

Turashobora no gutangura kwibaza… Umuhanuzi w’Imana yavuze, ko YAMENYE, ata gukekeranya na gatoya, ko TURI utubuyenge tw’igitsibo ciwe, kandi tuzokayangana gusumba ibintu vyose vyo mw’isi ico gihe. Haleluya… Imana Ishimwe… Izina ry’Umwami Rishimwe.

Bagenzi, namba twibaza ko ari igitangaza ubu twicaranye hamwe kw’isi yose, twumviriza kandi turya kw’Ijambo ryiWe kuri izi bande, bizocura iki igihe tuzobana na We muri uwo Murwa !

Umuhanuzi w’Imana azoba umubanyi wacu wo hafi. Tuzosangira nawe kuri ivyo biti, kandi tuzotemberana muri ayo mabarabara. Tuzogendagenda muri ayo mabarabara y’izahabu tugana kuri iyo soko, tunywa kuri iyo soko, dutembera mu ma paradiso y’Imana, hamwe n’Abamarayika bakwiragira kw’isi, baririmba indirimbo.

Yooo, ese uwo Munsi uko uzoba umeze ! Urusha agaciro ibintu vyose. Inzira isa n’inzitane, rimwe na rimwe iragora, ariko, yooo, bizoba bito cane igihe nzoMubona, bito cane. Amazina mabi n’ibindi bavuze bizomera gute, bizomera gute igihe nzoMubona muri urya Murwa mwiza, mwiza w’Imana ?

Bagenzi, ndindiranye igishika co kubona, no kwibera muri urya Murwa. Nkumbuye kuba hariya hamwe n’Umwami n’Umukiza Wacu, umuhanuzi wiWe, kandi hamwe n’umwe wese muri mwebwe.

Ndiko ndaja kuri uriya Murwa Mwiza Umwami Wanje Yateguriye abiWe; Aho Abacunguwe bose bo mu bihe vyose baririmba “Ishimwe!” bakikuje Intebe Yera. Rimwe na rimwe mfise igishika cinshi c’Ijuru, n’ubwiza bwaRyo nzobona hariya; mbega umunezero nzogira igihe nzobona Umucunguzi Wanje, muri uwo Murwa Mwiza w’izahabu!

Ndatumiye isi kuza kwifatanya natwe, bagenzi b’umuhanuzi, mu gihe dukoranira ku Ntebe YiWe kwumviriza Ijwi ry’Imana Rivugana natwe isaha zitandatu z’umutaga, kw’isaha y’i Jeffersonville (isaha cumi na zibiri z’umugoroba mu Burundi), mu gihe tuzoMwumviriza Atubwira ivyerekeye : Ahantu Umukwe Wo mw’Ijuru n’Umugeni Wo kw’Isi Bazoba muri Kazoza, Ubutumwa Bwavuzwe kw’igenekerezo rya 2 Myandagaro umwaka wa 1964. Nshobora kubasezeranira, Uzoba Umunsi w’Intibagirana mu buzima bwanyu.
MweneData Joseph Branham.

Ivyanditswe vyo gusoma :

Matayo 19:28
Yohana 14:1-3
Abefeso 1:10
2 Petero 2:5-6
2 Petero igice ca 3
Ivyahishuriwe Yohana 2:7
Ivyahishuriwe Yohana 6:14
Ivyahishuriwe Yohana 21:1-14
Abalewi 23:36
Yesaya igice ca 4
Yesaya 28:10
Yesaya 65:17-25
Malaki 3:6

22-0911 Ivyobo Vyatobotsemwo Imishwena

Ubutumwa: 64-0726e Ivyobo Vyatobotsemwo Imishwena

Kuvoma Ubutumwa

Ibimenyeshejwe Ibimenyeshejwe ku bijanye n’ugusobanura mu zindi ndimi bikorerwa muri Branham Tabernacle

Bakunzi Banywi b’Iriba ry’Amazi Arutwaze,
Ntituri ingurukizi, turi icamwa c’Ijambo ry’Inkomoko. Mpwemu Yera ubwiWe, Yareze , Aragaragara, hanyuma Yimenyekanisha kuri twebwe. TwaraMwakiriye mukunengesera kwiWe, mu bushobozi bw’ukugaragara kwiWe n’uguhishura kw’Ico Ari, hanyuma twahindutse igice cavyo. Birarengeye ubuzima kuri twebwe.

Mpwemu Yera ubwiWe Yavugiye mu rwavya ruciye bugufi rutabereye maze Avuga ati : « ng’ubu Ububasha budasubirwamwo bwanJe, Ijambo ryanJe , Ritware maze ubandanye, hanyuma uzane Ubutumwa. » Yatwaye Ijambo ryaYo maze araduconga ngo dusohoke, kugira ngo atugire Umugeni wiWe.

Yarahungabanije abapatiri mu kubona abantu baheba amashengero maze bakagenda kuvuza ama bande bavuze bati : « namba umwe muri mwebwe yitabiriye ivyo bikorane azotaramurwa, tuzomushira hanze y’idini ryacu ».

Bishuye bati : mugerageza kuduca intege ariko turabandanya uko biri kwose! Turi mu rugendo n’Umwami Yesu, Urutare rwakubiswe, dufungura imfungurwa z’ umumalayika, Manu ibitswe ivuye mw’Ijuru, kandi tunywa kuri urwo Rutare. Ntidutegeretwa kugira ikibazo c’ivyo turiko turanywa, ni IJAMBO RITUNGANYE gusa.

Twama turonka umuvyuro ubandanya. Isoko yacu yama idudubiza, iguma idudubiza iguma idudubiza kandi iguma idudubiza. Nta herezo ryaYo. Dufise amazi meza afutse buri gihe dufyonda tukavuza. Tubayeho kubw’ivyo kandi twisunga ivyo. Ikintu conyene dusabwa gukora ni ukuba ng’aho maze tukinywera.

Tubeshejweho n’iryo riba ridudubiza buri munsi, ntidutegerezwa gukwega, kwimba, gupompa, canke ico arico cose; kurikira gusa inzira yiwe yateguye ku buntu. Urashobora gukurikira integuro zose zashwizeho n’abantu ukwo ushaka, amariba yose ya kera yawe y’amazi adatemba; ku bwacu, twarashitse kw’iriba ryiwe ritunganye. Ni umunezero wacu. Ni umuco wacu n’inkomezi.

Ni Amazi yanje. Ni Ubugingo bwanje. Ni Uwukiza indwara wanje. Ni Umukiza wanje. Ni Umwami wanje. Ikintu cose nkeneye ndakironka muri We. None ni kuki ngerageza kuja ku kindi kintu ?

Kuri twebwe, nta handi hantu twogenda atari kw’isoko y’Imana Yateguwe. Ntitwigera tugira ikibazo c’ivyo tunywa. Ntidutegerezwa gushiraho akayungiro gashobora gusohora imicafu ariko kagasiga umutobe wanduye. Turafise gusa amazi ya Arutwaze atanduye, arimwo ivyunyunyu n’ingaburo tuba dukeneye.

Yaratwijeje ubugira kandi Ati, « Bane banje batoya ntimusubire kugira ubwoba, mufise icemezo c’inkomoko ca Mpwemu Yera. Mwaranyeretse yuko mwizera buri Jambo ryose. Mwararyakiriye, MURI ABANJE. TURI UMWE. UMUGABO N’UMUGORE.

Mu kanya nje kukurondera, mu kanya nk’ako gukubita urugohe. Ndiko ndagutegurira Inzu nshasha. Muzonezereregwa ukuntu Nayiryohoye. Ndazi ko ari ibigoye kuri wewe ubu kandi ufise ibipimo n’ibigeragezo vyinshi hamwe n’imitwaro yawe iremereye. Ariko ntiwibagire, nta kintu utegerezwa gutinya, Naraguhaye Ijambo ryaNje. Uri Ijambo ryaNje. Naramaze kugukorera ibintu vyose. Vuga ijambo kandi ntukekeranye. Urafise Ukwizera kwaWe, vyongeye umuhanuzi waNje yaguhaye ukwizera kwiWe.

Nokwipfuje ko mwifatanya natwe kuri uyu w’iyinga isaha zitandatu kw’isaha ya Jeffersonville (isaha cumi na zibiri zo ku mugoroba mu Burundi) kugira ngo twumvirize ubutumwa IVYOBO VYATOBOTSEMWO IMISHWENA 64-0726E hama tunywe kuri iyo soko ya arutwaze mugihe idudubiza Ijambo ritagira agasembwa, ridakeneye akayungiro ako ari ko kose.
MweneData Joseph Branham

Ivyanditswe vyo gusoma imbere yo kwumviriza ubutumwa :

Zaburi 36:9
Yeremeya 2:12-13
Yohana 3:16