Ibimenyeshejwe Ibimenyeshejwe ku bijanye n’ugusobanura mu zindi ndimi bikorerwa muri Branham Tabernacle
Mukunzi Jambo kw’Ijambo,
Amashengero menshi ari mu ruzazane, ntafise ico afata nico areka, yataye umutwe,yazazaniwe, yavangiwe, ari murudubi kandi arazazaniwe ku biriko birashikira aba “ Bantu ba Bande” kw’isi yose buri uwa Mungu.
Ni Ubumwe butaboneka bw’Umugeni wa Kristo, yicaye mu nyonga z’Umwana , yeze, adutegura. Umukwe wo mw’Ijuru wacu yamye atubwira ivyerekeye urugo rwo muri kazoza tuzobanamwo naWe.
Mu mayinga makeyi aheze yaratubwiye ati , « Iyi si si muhira iwanyu, ni Edeni ya Satani, kandi nzoyirimbura n’umuriro. Uri umukunzi wanje uwo nahisemwo imbere yuko isi ishirwaho kugira ngo ube Umugeni wanje. Rero, kuri uwu wa Mungu ngiye kuzokubwira kuvyerekeye ukuza kw’Izamurwa ko kuri hafi. »
Ibimenyeshejwe Ibimenyeshejwe ku bijanye n’ugusobanura mu zindi ndimi bikorerwa muri Branham Tabernacle
Mukunzi mupfasoni watoranijwe,
Mbega wotanga iki ng’ Umwami Yesu Yinjire mu nzu yawe kuri uwu w’iyinga, akicara ku musezero wawe, Akwitegereza mu maso yawe maze Akavugana nawe adaciye ku ruhande?
Ntiwoshoboye kuvuga . Ntiwoshaka kuvuga. Ico woshaka gukora gusa kwobaye ukuMwitegereza hanyuma ugakoma induru. Wogira ubwoba mbere no kwugurura umunwa wawe. Woshoboye kuvuga iki ? Muvyiyumviro wokwiyumviriye uti, Mwami, simbereye no kuba hano kubwaWe mu nzu yanje. Ndi umuntu wo hasi cane. Naragutetereje kenshi, Mwami, ariko Mwami , ndagukunda cane.
Rero wotahura mu mutima wawe, Arazi neza na neza ivyo niyumvira, nta kintu na kimwe comunyegezwa, Arazi amabanga yose yo mu mutima wanje.
Mu gihe witegereza mu Maso yiWe y’igiciro, woshobora kubona urukundo n’impuhwe. Yoshobora kuvugana nawe mbere atanuguruye n’umunwa wiwe. Wokwiyumvira uti, ni We ari kumwe nanje vy’ukuri hano , mu nzu yanje.
Umutima wawe wonezerwa birushirije, nk’uko ubona ko yaragiye kukubwira ibintu bitangaje. Ubwo nyene, Iryo Jwi wumvise ryavuze riti, « Mukunzi wanje, ntugire ikibazo, izina ryawe riri mu Gitabu canje c’Ubugingo c’Umwagazi w’intama. Si Igitabu canyu c’ubumwe busanzwe ca kera, ariko ni Igitabu canJe gishasha c’Umugeni. Ni Urupapuro rwemeza ubukwe hagati yanJe nawe.
Mukunzi wanJe, s’uko wahariwe ivyaha vyawe n’ukunanirwa vyonyene, ariko kuri jeWe, WAREJEJWE. Mu maso yanje, Ntiwigeze ukora ikintu kibi na kimwe.
Narababwiye yuko idini ritazobatuma mwiyunga, ntibashobora no kwemeranya n’Ijambo rimwe canke abiri muri Bibiliya. Noba narigeze kubabwira yuko azoba ari umugwi w’abantu ? Oya ! Nababwiye ko yari umuntu umwe w’Ubutumwa kandi mwarumvirije hanyuma murumvira.
Kuko batokwumvirije maze ngo bemere umugambi wanje w’inkomoko uhereye ku ntango, narungitse abo bavugabutumwa, abigisha, intumwa, abungere, n’abahanuzi. Ariko bari barungitswe kugarukana abantu baberekeza ku mugambi wanje utunganye w’inkomoko, umumalayika wanje w’inkomezi. Kuko ni Ijwi ry’Imana kuri mwebwe.
Ni abasizwe, ariko ndafise gusa INTUMWA MUHANUZI IMWE YO KUBARONGORA. MPWEMU YERA NI UMUHANUZI. Sinababwiye incuro nyinshi, IJAMBO RYANJE RYAVUZWE BICIYE MURI WE KO RIDAKENEYE INSOBANURO, NTIMWONGEREKO CANKE NGO MUKUREKO IKINTU NA KIMWE YAVUZE, NI MUVUGE GUSA IVYO YAVUZE KURI BANDE ? Uwo ni umuhanuzi, Mpwemu Yera abarongora.
Ni we natumye kubahamagara kugira ngo mwitwe Umugeni wanje. Niwe azobamenyekanisha kuri Jewe. Niwe twahagararanye maze ndamwereka ico muzoba, Umugeni wanje. Narababwiye ibimwerekeye vyose mw’ihishurirwa, igihe navuga , Jewe Yesu narungitse UMUMALAYIKA WANJE kugira ngo abashingire intahe y’ibi bintu MU MASHENGERO. Ni JEWE, ndiko ndakoresha gusa umubiri wiwe n’Ijwi ryiwe kugira ngo rivugane namwe. »
Mbega igihe c’igitangaza turiko turagirira hamwe na We. Ntitwegeze tunezerwa canke duhimbarwa birushirije mu buzima bwacu. Niko ukwo Biri. Ibi nivyo twamye turindiriye mu buzima bwacu bwose.
Ntagukekeranya na gutoyi kuri mu mitima yacu canke mu vyiyumviro vyacu. Kuko mu Butumwa bwose twumviriza, atubwira ko turi mu bugombe bwiWe butunganye. Hariho gusa Ijwi rimwe rizobahuriza hamwe,ribatunganye, hanyuma ribashire hamwe…Jewe, MU GIHE JEWE MVUGA BICIYE MU MUHANUZI WANJE. SI AMAJAMBO YIWE, NI AMAJAMBO YANJE. NI INZIRA YANJE YATEGUWE.
Ni muze mube igice c’umuryango w’igikorane c’amashimwe y’Umugeni, mu gihe Azoba Ariko Aratugaburira. Ntimucerwe, mu gihe tuzotangura umusi mukuru kuw’iyinga, neza na neza isaha zitandatu ku muhingamo kw’isaha y’ i Jeffersonville ( Akaba ari isaha cumi na zibiri mu Burundi). Azoba ari ho Ari nk’uko Yabimbwiye ko yohabaye.
Naramenye igihe mwanyumva mvuga, nkoresheje Ijwi ry’Umumalayika wanje, ibwina mu mutima wanyu mwomenye, yuko atari we, ariko ko Yari jewe ndiko ndavugana namwe. Yari jewe ndiko ndabarungikira ikete ry’Urukundo, ndababwira y’uko nabatoranije kugira ngo mube Umukunzi Mugeni wanje.
Mu maso yanje, Nta n’umwe ameze nkawe, nta numwe ashobora gufata ikibanza cawe. Wagumye uri umwizigirwa kandi uri mu kuri kuri jeWe.Igihe ndakwitegereje, umutima wanje wuzura umunezero.
Ibimenyeshejwe Ibimenyeshejwe ku bijanye n’ugusobanura mu zindi ndimi bikorerwa muri Branham Tabernacle
Mukunzi Mugeni wo kw’isi,
Malaki 4 ni Ijambo ry’Imana, kandi ryavyaye uko ubwoko bwaryo buri, TWEBWE, Umugeni waYo. . Ni Mpwemu Yera, Umuntu wa Yesu Kristo, mu gikorwa, atsimbataye mu mitima yacu. Tugirwa bazima n’Ijambo RYOSE Avuga, kuko, « Intama zanje zumva Ijwi ryanje ; uwo zitazi ntizomukurikira. »
Mbega ukuntu aya mezi aheze yabaye ay’igitangaza, mu gukurikira Umuhanuzi I Jeffersonville. Imana yavugiye mu Mumalayika wayo w’inkomezi maze atugaburira ku mfungurwa zibistwe zivuye MU KIGEGA GITOYI mu gihugu cose. Ni Manu ihishijwe, y’Umugeni waYo gusa.
Mbega tubimenya gute? Imana yavuganye natwe Idaciye ku ruhande biciye mw’Ijwi ryaYo kuri bande, Itubwira kandi yongera Itubwira iti,”Ndi muri mwebwe, namwe muri muri Jewe. Turi UMWE. Nabatoranije imbere yuko isi ishirwaho. Muri akara ko mu mubiri wanje, akagufa ko mu magufa yanje.”
Ese ingene Ubutumwa Imana Yatubwiye kuri uwu w’iyinga bwari butunganye bw’ukuntu iyi si tubayemwo Atari rwacu, ari Edeni ya Satani. Ukuntu yahenze Eva kuva ku ntango mukumutuma yibaza kandi akekeranya IJAMBO RIMWE. Yikuyeko umwitwikiro wera w’Imana, hanyuma yiyambika umwitwikiro w’ubumenyi, hanyuma amaso yiwe yaruguruwe maze abona yuko yari amenya.
Satani yononye Ijambo ry’inkomoko, kandi ubu yaramuhumishije kugira agume ari amenya akandi atabizi. Yahindutse umwamikazi wa satani kandi iyi si ni ubwami bwa Edeni bwiwe.
Ku w’iyinga, Umukwe wacu wo mw’Ijuru ashaka kwibutsa Umugeni wo kw’isi wiwe aho inzu yacu yo muri kazoza izoba iri hamwe n’ukuntu izoba imeze. “Yewe Mukunzi, rero narakubwiye ivyerekeye iyi si n’ukuntu ari Edeni ya Satani, Nshaka kukubwira UBUGIRA KANDI kubijanye n’inzu yawe yo muri kazoza hamwe nanJe.
Iki gihe ntibariko batsimbataza Ijambo ryanje mu mitima y’abantu, bariko bagerageza kwiyerekana bobo ubwabo. Amashengero ariko aragerageza gutsimbataza inyigisho z’ishengero mu mitima y’abantu. Umuntu wese avuga ati,” Nakoze iki. Jewe, jewe, iryanje, idini ryanje, jewe, iri.” Bariko bagerageza kwiyerekana bobo ubwabo kandi si Ijambo ryanje ryavuzwe biciye mu muhanuzi wanje.
Ntimutegerezwa gutahura buri kintu cose mvuga, mutegerezwa gusa kucizera kuko ari uko nakivuze kandi ivyo biba bitunganye ibihe vyose.
Mpwemu Yera wanje ari ku gikorwa muri mwebwe. Ni Ubugingo muri mwebwe, si ibishobisho ; si ubwoko bw’icemezo c’umubiri, ariko ni Umuntu, JEWE, Yesu Kristo, Ijambo ry’Imana , ryashizwe mu mutima wawe, kandi yahaye ubuzima Ijambo ryose ry’iki gihe. Ni Mpwemu Yera wanje ari ku gikorwa muri mwebwe bijanye n’Ijambo.
Ndaje kuri mwebwe nk’uko nabisezeranye yuko nobikoze. Narababikije Ijambo ryanje. Ijambo ryanje ryarafashwe kuri bande rero ntihazobaho ugutahura nabi , nta kibazo , kiretse Ijambo ryanje ritunganye kuri mwebwe; kuko Ni niko Uhoraho Agize.
Iriko Iravugana natwe, , ikoraniro ryaYo, IMANA ISHIMWE. Si kuri mwebwe muvuga muti,” MweneData Branaham ni umuhanuzi, ariko si umwungere wanje. Umwungere wacu avuga yuko kuvuza Bande mw’Ishengero bitajanye n’Ijambo ry’iki gihe.” Umwungere wacu atubwira yuko dutegerezwa kumwumviriza. Bijanye n’Ijambo , aba ariko araturongora kubwa Mpwemu Yera ubu.”
Umuhanuzi abwira mwebwe n’umwungere wanyu.
Ku bakozi b’Imana abo ari bo bose, mu kibanza ico ari co cose, umwanya uwo ari wo wose, ibi ntivyerekeye inyigisho zanyu, ibi ntibinerekeye intama zanyu.
Rero, Mwungere, nshaka yuko umenye ivyo, ibi bintu ndabibwira gusa ishengero ryanje. Kandi ndafise uburenganzira bwo gukora ivyo, kuko nashizweho na Mpwemu Yera kugira ndagire izi ntama.
Yaturungikiwe kugira atwitwararike , intama zayo; abo Imana Yashize mu MWITARARIKO WAYO. Mpwemu Yera ni umwungere wacu kandi aturongora buri munsi kubwo Ijwi ryiWe ryagaragajwe.
Ibi nivyo Umwami ariko araturongora gukora. Ntitubarwanya canke umwungere wanyu, canke uko murongowe n’Umwami gukora. Umuntu wese ategerezwa gukora uko yumva arongowe n’Umwami gukora ibijanye n’Ijambo.
Dufise akayungiro kamwe, UBU BUTUMWA. Ikintu cose twumviriza gitegerezwa gucishwa muri ako kayungiro. Iryo Jwi twumviriza kuri Bande niryo jwi gusa dufitiye icizere ijana kw’ijana yuko ari NIKO UHORAHO AGIZE.
Murizera yuko ukwo gusirwa kuri kuri abo bantu yuko ari ugusirwa kwa Mpwemu Yera? Ego, mugenzi, Mpwemu Yera w’ukuri w’Imana kuri uwo muntu ariko naho bimeze uko, abo ni aba nyakinyoma.
Amerekero yacu y’ibihe bidashira yisunga ivyo WE YAVUZE KURI BANDE, Atari ivyo uwundi muntu canke umugwi w’abantu bavuga. Rero, ntidushobora, kandi ntituzokwumviriza uwundi. Ni gute uwundi muntu yobahatisha?
Nimuze mwifatanye natwe kugira ngo mubone wa munsi ko uriko uregereza.
Abantu barashobora kwicara mu mazu yabo canke … yabo bagakoranira mu bibanza vyabo , amashengero yabo, n’ibindi hanyuma bakumviriza igikorane.
Umuntu wese arafise ikintu kinaka agumije. Ikintu kinaka gitegerezwa kuba inkingi, mu yandi majambo, icishimikizo ca nyuma. Kandi umuntu wese ategerezwa kugira icishimikizo ca nyuma canke icishimikizo ntanyiganyizwa. Kuri jewe, hamwe no kuri abo nizigiye yuko ndiko ndongorera kuri Kristo, kandi kubwa Kristo, Bibiliya ni icishimikizo ca nyuma.
Rero, turatahura yuko Imana Yarungitse abahanuzi baYo. Ubwo nibwo buryo Ifise bwo kuzana Ijambo ryaYo ku bantu, biciye mu kanwa k’ umuhanuzi waYo. Ubu muri iyi minsi ya nyuma, Yasezeranye ubwaYO kugaragarira mu kunengesera ubugira kandi, mu mubiri waYo , mu Mpwemu.Ni Imana ubwaYo mu nyuguti, mu muhanuzi, Yigaragariza mu mubiri.
Igihe Imana impishuriye ivyiyumviro vyaYo, ndabibagariza mw’Ijambo ryo kuri Bande nti,” UKWO NIKO UHORAHO AGIZE.” Ntabwo ari ,” UKO Niko jewe ngize.” Ni,” UKO NIKO UHORAHO AGIZE!” Noshobora gusa kubisobanura uko Umwanditsi anyemereye kubibasobanura; kuko ni Ijambo ry’Imana Ritananirwa.
Ibimenyeshejwe Ibimenyeshejwe ku bijanye n’ugusobanura mu zindi ndimi bikorerwa muri Branham Tabernacle
Mukunzi Mugeni Urindirijwe,
Kandi ndazi ko inyuma y’uko nzoba maze kugenda mva muri iyi si, aya mabande n’ibi bitabu bizobandanya kubaho, kandi benshi muri mwebwe bana batoya, muzobona mu minsi izoza, ko ari neza na neza ukuri, kuko ndabivuze mw’Izina ry’Umwami.
Ni muze mukoranire hamwe na twebwe Inkukuma, kuri uyu w’iyinga isaha zitandatu kw’isaha ya Jeffersonville (isaha imwe y’ijoro mu Burundi), mu guhe tuzokwumiriza Ubutumwa –Kandi Ntavyo Uzi Bwavuzwe kw’Igenekerezo rya 15, Ukwezi kw’Umunani Umwaka w’1965.
Kubwo uguhitamwo kwaWe bwite, wahisemwo William Marrion Branham kugira ngo abe umuntu w’igihe. Wamuhisemwo kuguira ngo atume tumera magabo. Watiriganije ibiganza vyiwe. Watwaye amaso yiwe mw’iyerekwa. Nta kintu na kimwe yari gushobora kuvuga kiretse ico Wamweretse.
Nta kintu na kimwe yari gushobora kuvuga kiretse ico Washize mu kanwa kiwe. Ni We waganza ururimi rwiwe, intoki ziwe, n’ibihimba vyose vy’umubiri wiwe. Yari yuzuye ububasha bwaWe.
Boba batariko barasuzuma ivyo yavuze kuri Bande ? Boba bariko barafata ko ivyo yavuze ari Ijambo, Inzira yateguwe n’Imana kubwo iki gihe ? Iyoba yovugije Bande, Ijwi ryawe ryagaragajwe kubwo abantu, aho kwigira ubwabo Ijwi nyamukuru , botegerejwe kumenya y’uko ico bariko barumviriza ko ari icasizwe c’ikinyoma mu nyigisho y’igihe ca nyuma.
Ivyo ntibisigura yuko mudakeneye umwungere. Ntibisigura yuko bose ari abungere basizwe b’ibibinyoma . Ntibisigura yuko hariho benshi bigisha neza na neza ivyo MweneData Branham yavuze. Bisigura yuko ikintu c’ingirakamaro kuruta ibindi vyose mutegerezwa kwumviriza, ni Ubutumwa kuri Bande; Ni co conyene ari NIKO UHORAHO AGIZE.
Ni ikintu co kwisungwa. Ni Icishimikizo ntanyiganyizwa. Ni Ijambo rya nyuma. Ni ryo Jambo ryonyene Ritunganye. Mu gihe umwungere, umurongozi wanyu wo muri mpwemu, atariko arumviriza Iryo Jambo ritunganye n’abantu biwe, ikintu kinaka kizogenda nabi.
Kubera iki igikorwa c’ivugabutumwa kitovuza Ijwi ryaWe ryagaragajwe mu mashengero yabo ? Ni gute bovuga yuko ari ikinyoma mu gihe bavuga yuko bizeye ko ari Ijambo ? Ni kuki bazana ivyitwazo vyose hanyuma bakavuga yuko ivugabutumwa ryabo ari inzira yawe wateguye kubwo iki gihe, atari Ijwi ryaWe ryagaragajwe kuri Bande ?
Kuko batera ubwoba abantu bavuga ngo ni kubera tuvuga tuti, « FYONDA UVUZE. » Mu kwumviriza Ijwi ryawe, ngo turiko turasenga umuntu, ngo si wewe uriko uravuga biciye muri uwo Muntu ?
Dusenga WEWE WENYENE DATA . Twarabisuzumye n’Ijambo ryawe twitonze. Utubwira biciye mu muhanuzi wawe kuri buri Butumwa twumviriza kuri Bande uti : Ni inzira yawe wateguye kubwo iki gihe gusa.
Ni hehe handi Umugeni wawe yogenda kiretse neza na neza kw’Ijambo ryaWe. Turi Umugeni Jambo Nkumi waWe. Dutegerezwa kugumana n’inkingi y’umuriro yaWe. Niho hantu honyene twoshobora guhazwa turi, maze tukavuga amen kuri buri Jambo twumvirije.
Data, TuraKubona hanze y’Ishengero ryawe uriko uragerageza kwinjira, kandi bijanjagura umutima wacu. Umunyororo wo kugaza uri imbere kandi twaruguruye urugi kugira ngo winjire. Nta kindi kintu tuzi. Nta kindi kintu dukeneye. Ntidushobora gufata n’ikindi kintu. Twibungenze Ijambo ryawe.
Kandi n’uku biri, nta Jambo na rimwe ryokwongerwako canke ngo rikurwe muri Bibiliya. Nimugumane n’iryo Jwi. “Uwo Ritazi ntibomukurikira,”
Ni gute umuntu adashobora kubona inzira yateguwe n’Imana iki gihe? Ariko Imana shimwe, turashobora kuYibona, kuko twatoranirijwe kuYibona. Ntidushobora kandi ntituzoshobora guhemukirwa kuko turi Ijambo ryagaragajwe.
BeneData na Bashikibacu, reka ivyo vyinjire ibwina akanya gatoyi , TURI IJAMBO RYAGARAGAJWE! Imana ubwayo, Ivugira mu munwa w’umuntu, Iriko Iratubwira ko TURI IJAMBO. Ntidutinya ikintu na kimwe vy’ukuri. Ikintu cose dukeneye ni icacu.
Imana y’iki gihe kibi iriko irakora ukwo ishoboye kwose kugira ngo ihende ihanga ry’Imana ryigire kure ry’Ijwi ryaYo ryagaragajwe. Igerageza gutuma batizera Ijambo na rimwe, nk’uko yabikoze kuri Eva kw’itanguriro.
Ariko Jambo-Mugeni wa Kristo ariko aregera Umutwe. Turiko turasubira ku mugenzi wacu aho twatanguriye. Igihe c’ukuvayo kiregereje. Imana igiye kuzozira Umugeni waYo yagumanye n’Ijambo ryaYo.
Mpwemu Yera ari hano ahamagarira gusohoka Umugeni wa Kristo. Ariko arabikora mu kwemeza Ijambo ryiwe ry’Isezerano kubwiwe, kubwo iki gihe, mu kwerekana yuko ari Kristo.
Nta kintu gihambaye nk’ugukoranira hamwe n’Umugeni kw’isi yose,mwumviriza Ijwi ry’Imana Rivugana namwe ata guca ku ruhande. Ntidukekeranya, canke mbere ngo dusenge twibaza yuko ivyo turiko twumviriza yuko ari Ukuri. Kuko ni Niko UHORAHO AGIZE , IJAMBO RYAGARAGAJWE GUSA.