Category Archives: Uncategorized

23-0716 Icanzo Hagati Y Ibihe Ndwi Vy Ishengero N Ibimatanishije Udushashara Ndwi

Ubutumwa: 63-0317e Icanzo Hagati Y Ibihe Ndwi Vy Ishengero N Ibimatanishije Udushashara Ndwi

Ibimenyeshejwe Ibimenyeshejwe ku bijanye n’ugusobanura mu zindi ndimi bikorerwa muri Branham Tabernacle

Bakunzi mashurwe matoyi bo mu Kidengeri,

Twarisunikiye twebwe ubwacu mu mazi y’ivyondo hanyuma dusanza amababa yacu. Amapedali yacu matoyi yaragiye kandi ubu turiko twerekana ishurwe ryo mu mwonga. Twarashikaniye vy’ukuri ubuzima bwacu Imana n’Ijambo ryaYo.

Turi mu gihe c’iherezo kandi tuvuye mu Buseruko no mu Burengero, Uburaruko n’Ubumanuko, twiteguriye Izamurwa. Duhagaze twemye kubwo akanya gatoya gushika buri gace kuzuye Mpwemu Yera. Twiteguriye kuduga.

Igihe cageze. Ariko Arahamagarira hamwe Ihanga ryayo Ubwayo mu Bumwe bw’ukuri hamwe naWe. Ni Yesu Kristo abana na Mpwemu wiwe mu mibiri yacu, Mu gukora vya bintu nyene yakora nk’ikimenyamenya kw’isi.

Ikintu gihamabye mu vyanditswe kiriko kirashika mu gihe cacu. Igikorwa, Atari n’umumalayika, nta kintu, coshobora kugikora, uretse Umwagazi w’intama. Yaraje maze akura Ico Gitabu mu kuboko kw’iburyo k’uwicaye ku ntebe y’Ubwami, Aracugurura, amenagura udushashara, maze akirungika kw’Isi, ku Mumalayika wiWe w’indwi, kugira aBiduhishurire, Umugeni wiWe.

Ibintu biriko birashika; Ijambo Ariko araduhishurira buri munsi, Rirarengeye. Twaradugije amajwi yacu maze turasemerera hanyuma tuvuga za Haleluya! Ugusirwa, ubushobozi, ubwiza, ukugaragara, Ihishurwa ry’Ijambo ryiwe Rirahambaye kuva kw’itanguriro ry’igihe.

Hamwe n’icaremwe cose kiri mw’Ijuru, hamwe no kw’isi, no musi y’isi, no musi h’ikiyaga, hamwe n’ibirimwo vyose twakomye akaruru : Imihezagiro, icubahiro, ubwiza, ubushobozi, bibe kuri We uwicaye ku ntebe y’Ubwami, hamwe no ku mwagazi w’intama ibihe n’ibihe, amen! Amen kandi amen!

Ikiremwa cose , Umuntu wese uhereye ku ntango y’igihe bari barindiriye iki gihe ko gishika. N’Imana yararindiriye gushika Umumalayika wayo yatoranijwe ashitse kw’isi imbere yuko aza gutora ca Gitabu, aracugurura maze ahishura amabanga yose ku Mugeni wiwe yatoranije.

Ubu turazi ivyo umuntu atigeze amenya uhereye kw’itanguriro ry’igihe. Ibintu vyose vyari vyaratakaye muri kwa kurwa. Ibintu vyose vyari vyaranyegejwe mw’Ijambo ryiwe. Ibintu Umugeni akeneye vyarafashwe mu majwi kandi vyashizwe mu bubiko butoya bw’Imana.

Yarabitweretse hirya ya ca Gihuzu c’igihe kandi twibona ubwacu turi kumwe naWe ku rundi ruhande. Umugeni ariteguye ubwiwe mu kwumviriza Ijambo.

Twari mu myimenyerezo. Twambaye ibirwanisho vyose vy’Imana nta kintu coshobora kudutirimutsa. Nta kintu coshobora kudutera ubwoba. Nta kintu coshobora kutubabaza nta kintu ntacodutuma tugiriranira imyumvikano n’Ijambo na Rimwe. TURI IJAMBO.

TuraMurindiriye dufise umurwi w’amashurwe mu minwe yacu. Igihe kirageze. Ya saha yakera iriko iradidagira. Turiko turumva umuhindo w’amafarasi, umusenyi utembagarira mu makurudumu. Wa mukogote wa kera uri muguhagarara.

Igihe Azoshikira tuzosimba tuve mw’isi tugana mu maboko yiWe. Azodufata maze Avuge ati, “ Nari nagiye kubategurira ikibanza ariko ubu birarangiye, mukunzi”.

Ukuza kwiWe kuri hafi. Dufise ivyo twiteze gusumba mbere, turanezerewe mu gihe ashaka ko twumviriza Udushashara Ndwi ubugira kandi. Turazi y’uko twari tugiye kuronka ihishurirwa rirushirije, kuko Buri Butumwa twumviriza busa nk’uko tutigeze tubwumviriza mbere.

Kubaho uyu munsi no kwumviriza Ubu Butumwa birahambaye cane kusumvya igihe bwashirwa mu majwi. Ariko arabiduhishurira birushirije ubu. None ni ibiki vyoshobora gushika ?

Ni muze mwifatanye natwe isaha zitandatu ku muhingamo , isaha ya Jeffersonville (isaha cumi na zibiri z’umugoroba mu Burundi), maze munezerererwe no kwumviriza : Icanzo hagati y’Ibihe Ndwi vy’Ishengero n’Ibimatanishije Udushashara Ndwi 63-0317E . Ni Imfungurwa zibitswe Umwami yateguriye Umugeni zo gufungura.

MweneData Joseph Branham

Ivyanditswe vyo gusoma mu kwitegurira kwumviriza Ubutumwa:
Abalewi 25:47-55
Yeremiya 32 :1-15
Zekariya 3:8-9/4:10
Abaroma 8:22-23
Abanyefeso 1:13-14/4:30
Ivyahishuriwe Yohana 1:12-18/ Igice ca 5/ 10:1-7/11:18

23-0709 Imana Yihisha Mu Biciye Bugufi Hanyuma Ikihishura Muri Ivyo Nyene

Ubutumwa: 63-0317m Imana Yihisha Mu Biciye Bugufi Hanyuma Ikihishura Muri Ivyo Nyene

Ibimenyeshejwe Ibimenyeshejwe ku bijanye n’ugusobanura mu zindi ndimi bikorerwa muri Branham Tabernacle

Bakunzi Bantu biharije, Hanga Cami ry’akazeze, Ritangaje, Buherezi bwa Mpwemu,

Mbega igihe c’ubwiza yahaye Umugeni waYo, Iriko Irahishura Ijambo ryaYo nk’uko bitari biri mbere. Ubutumwa bwose twumviriza bisa nk’uko tutigeze twuBwumviriza mbere. Imitima yacu n’imishaha yacu vyuzuye umunezero mu gihe dufungura Manu nshasha ivuye mw’Ijuru. Bisa nk’icijiji c’amazimano y’ubukwe agiye kuza mu gihe tugaburirwa Ihishurwa ku rindi.

Turiko turatanga ibimazi vya Mpwemu ku Mana , kubwo ivyamwa vy’iminwa yacu, mu gutazira Izina ryiWe. Twarafashe ikibanza cacu nk’inyenyeri zo mw’Ijuru.

Yaradukoranirije hamwe ahantu ho mw’Ijuru, Asuka Mpwemu Yera wiWe kuri twebwe, kugira ngo adutegure kubwo ukuza kwiwe. Ni ivyo gusa dushobora kwiyumvirako. Ni ivyo vyonyene dufise mu vyiyumviro vyacu. Ico dushaka gukora gusa ni UKWUMVIRIZA IJAMBO. Ibandanya Itubwira ko turi Umugeni waYo. Ubu ni ubugombe bwaYo Butunganye bwo kugumana n’inzira yayo Yateguye.

Turi abasoda b’umuce w’igikorwa ciWe ca bande , kandi turabinezererewe. Ni Ikimenyetso c’icubahiro. Dushaka gusemerera maze tubwire Isi, EGO, TURI UMWE MURI BO.

Yaraduteguriye Imfungurwa zibitswe tugaburirwa. Manu y’Imana ubwayo Ivugana n’Umugeni waYo,Itumenyesha yuko turi Ingabo zaYo.

Dukoraniye munsi y’ugufatanywa guhambaye kwo mw’Ijuru mu mahoro, kugeza aho Mpwemu Yera yashizeho urugingo rwose rw’umubiri gushika habaye ugukira kw’umubiri n’ubugingo vyompi.

Dufata Ijambo ry’Imana hanyuma tukanesha umurwanizi n’ubushobozi bwiwe. Turamutabaguramwo ibice hamwe n’Iryo Jambo. Umugaba mukuru w’ingabo wacu yatubwiye ati, « Muri Ijambo. Ntimutinye. Mugende mugana umurwanizi hanyuma muvuge muti, « HANDITSWE NGO. »

Yaraduhisemwo kugira ngo tube Abasoda baYo. Twamye mu myimenyerezo, duhabwa inkomezi n’Ijambo. Ubu twambariye urugumba kandi turiteguye kurwana. Umugenerali wacu w’inyenyeri zitanu yadutegetse ivyo dukora : Gumana n’Inyigisho za Bande.

Kandi vy’ukuri, vuga ivyo Bande ivuga gusa. Ntihagire ikindi uvuga. Murabona? Kuko, simvuze ivyo jewe ubwanje. Ni We Abivuze, murabona. Kandi kenshi, uruzazane, abantu barahaguruka maze bakavuga bati, “Yemwe, Naka nan aka yavuze bisigura uku na kuriya.” Gusa-gusa bigumize uko bimeze.

Si ivyo William Branham ariko aratubwira kuri Bande, Ni ivyo IMANA Iriko Irabwira Umugeni waYo kuri Bande. Aya niyo MATEGEKO yaYo. Hariho inzira imwe gusa yo kwubaha aya mategeko avuye ku Mugaba amukuru w’ingabo wanyu w’inyenyeri zitanu kandi yagumize uko ameze, FYONDA MUVUZE.

Turi mu ngabo z’Imana, rero dutegerezwa kwubaha amategeko yacu Ijambo kw’Ijambo. Turiko turabandanya tuja imbere. Turi abantu b’igiciro, abantu b’ukwizera, abantu b’ubushobozi, abantu batahura, abantu b’uguhishurirwa.

Turiko dusubira mu gufatanya gutunganye hamwe na Data ubugira kandi, duhagaze ku rundi ruhande rw’imanga, ata kwibuka icaha kiturwanya. Adamu wiWe yashumbushijwe.

Ni Imana mu bintu vyicishije bugufi ubugira kandi. Si ivyo umuntu uwo ari we wese, ni Umugeni wiwe gusa, Kandi turabibona neza mu buryo buramvuye.

Ndindiranye igishika co gusubira kwumviriza Udushasha indwi ubugira kandi. Izoba Iriko Iraduhishurira Ijambo ryaYo nk’uko bitegeze mbere. Tuzoba turiko turakira Uguhishurirwa kwiWe guhambaye kw’Ijambo ryiWe.

Yari yararindiriye gushika iki gihe kugira Iduhishurire birushirije. Ivyo dukeneye vyose vyarafashwe amajwi kandi bihari kubwacu kugira tuvyumvirize mu gufyondesha urutoke rwacu gusa.

Ubu Butumwa ni Irya Mituragaro Ndwi izotunganya Umugeni ; KUKO AMABANGA YOSE Y’IMANA AZOHISHURIRWA INTUMWA MUMALAYIKA W’INDWI KU MUGENI

Iki nico gihe gihambaye muri kahise k’isi. Turi kw’iherezo ry’ukuza kwiWe kubwo Umugeni wiWe. Isi yiteze ibi bintu vyose vyavuzwe mu Vyanditswe; nk’izuba rirenga hagati y’umusi hamwe n’ibintu vyose ko vyoshika. Ariko hararenganye, kandi ntibabimenye.

Nimwibuke, bimatanishije amabanga y’imituragaro ndwi. Murabona?

Ndabatumiye kuza kwifatanya natwe isaha zitandatu ku muhingamo, isaha ya Jeffersonville ( akaba ari isaha cumi na zibiri mu Burundi), mu gihe dutangura uru rukurikirane ruhambaye hamwe n’Ubu Butumwa : Imana Yihisha mu biciye bugufi, hanyuma Ikihishura muri ivyo nyene 63-0317M.

Mu gihe MweneData Branham azosubira gushikanira Imana urushengero Branham Tabernacle hamwe n’abantu , Reka twishikanire Imana ubwacu, inzu zacu, amashengero yacu, canke aho ari ho hose dukoraniye, kubwiwe.

MweneData Joseph Branham
1 Ingoma 17:1-8
Yesaya 35:8/40:1-5/53:1
Malaki Igice ca 3
Matayo 11:10, 11:25-26
Yohana 14:1-6
1 Ab’I Korinto Igice ca 13
Ivyahishuriwe Yohana Igice ca 21

23-0702 Intambara Ihambaye Itigeze kurwanwa

Ubutumwa: 62-0311 Intambara Ihambaye Itigeze kurwanwa

Kuvoma Ubutumwa

Ibimenyeshejwe Ibimenyeshejwe ku bijanye n’ugusobanura mu zindi ndimi bikorerwa muri Branham Tabernacle

Bakunzi, Barwanyi Mushitse b’Igikorwa ca Bande

Muze dukoranire hamwe mu kurangiza ino ndwi y’igitangaza kubwo inyigisho twaronse ku rwego rwo hejuru rw’ubwiza, mu gihe tuzokwumviriza umu generali wacu w’inyenyeri 5 avuga aciye mu mumalayika wo kw’isi yatoranije, hanyuma atwigisha ingene tworwana no kunesha : intambara ihambaye itigeze irwanwa bwigishijwe itariki 11 ukwezi kwa 3 umwaka wa 1962.

Hehe : ku cicaro gikuru ( Intebe y’Imana ) isaha umunani kw’isaha ya Jeffersonville (akazoba ari isaha zibiri z’ijoro mu Burundi )

MweneData Joseph Branham

23-0625 Mugenzi, Iki Ni Ikimenyetso c’Iherezo?

Ubutumwa: 62-1230e Migenzi Mbega Iki Ni Ikimenyetso C Iherezo?

Kuvoma Ubutumwa

Ibimenyeshejwe Ibimenyeshejwe ku bijanye n’ugusobanura mu zindi ndimi bikorerwa muri Branham Tabernacle

Mukunzi Mugeni Jambo ku Rindi.

Nta muhanuzi, nta ntumwa, nta na rimwe , mu gihe na kimwe, higeze habaho igihe nk’iki tubayemwo ubu. Iri ni iherezo. Inkingi y’umuriro yaragarutse. Ya nkingi y’umuriro yarongora abana b’isilayeli ; Ya yindi nyene yahushura Sauli ikamugwisha hasi mu nzira ija I Damasiko. Iyo nyene yazananye bwa bushobozi nyene, Ikora vya bintu nyene, kandi Ihishura rya Jambo nyene, Igumana n’Ijambo kw’Ijambo hamwe na Bibiliya !

Yahishuriwe amabanga yose . Mwari mubizi ? Amabanga YOSE. Nta kintu gishasha, nta kintu gisigaye, nta kizohishurirwa uwundi muntu ; Vyose vyahishuriwe intumwa mumalayika wiWe w’indwi kandi twarabihawe , Umugeni wiWe, kuri Bande.

Ni ivyo vyose Umugeni yarakeneye, Menya neza kandi, ivyo vyose Umugeni yarakeneye. Abandi bakenere ibindi bintu, kandi barabihabwa. Ariko ivyo dukeneye vyarafashwe amajwi kandi twabihawe kuri Bande hanyuma kandi Biriko Biduha UKWIZERA kw’Izamurwa.

Turi Ishengero Umwami Mana yamuhaye. Iki nico cicaro gikuru ciwe. Aho niho yatubwiye kuguma. Si mu nyubako, AMABANDE. Turi urya mugwi w’abantu wizera, kandi unyotewe no kuguma kuri buri Jambo. Yatubwiye kuguma hano hanyuma tukitegereza Ibuye ryera,Ibuye Rikomeye Cane, IJAMBO KURI BANDE.

Ijwi rivuye mw’Ijuru ryavuganye nawe maze rivuga riti, “ Zana imfungurwa. Zibike. Ubwo nibwo buryo bwonyene bwo kubagumiza hano, ni Kubaha imfungurwa.” Ntiyigeze avuga kuraba ikindi kintu, canke ko hobaye uguhishurirwa gushasha kuvuye ku wundi muntu; Hanga amaso IZI MFUNGURWA ZIBITSE KURI BANDE, GUMA NG’AHO.

Ariko nk’uko babikoze mu ndoto zose yahishuye, bamwe bavuye muri iyo nzira , bamwe bafashe inzira imwe abandi bafata iyindi. Bamwe nibo bagumye aho hanyuma bumira kuvyo yari yarababwiye.

Rero gereranya ivyo na ziriya zindi, Inzozi. Iri ryari iyerekwa. Imfungurwa, ng’izi. Iki nico kibanza.

Nta kintu gitomoye kurushiriza ico cari kuba ku Mugeni wayo. Iri ryari iyerekwa. Si indoto, IYEREKWA. Imfungurwa ziri hano : Bande. Iki nico kibanza : AMABANDE. Turiko turakora neza na neza ivyo yatubwiye gukora : Umviriza AMABANDE !

Bisaba uguhishurirwa kwa Mpwemu mu gutahura ibi bintu. Bizosaba uguhishurirwa kwa Mpwemu kwizera no gutahura ivyo Izotubwira vyose uyu w’iyinga. Kizoba ari igihe c’ubwiza ku Mugeni.

Hariho ibintu vyinshi Imana Iriko itubwira kandi Iduhishurira kuri Ubu Butumwa. Nshaka gutora ivyanditswe ku bindi hanyuma ndabibahe, ariko ndaziko Izohishura Akavunji kose kuri mwebwe kuko ibi nivyo yavuze mwari :

Iri niryo shengero Umwami Mana yampaye. Aha niho cicaro canje gikuru. Aha niho nguma… Hariho n umugwi w’abantu hano bizera, bashonje kandi babandanya.

Turi urya mugwi ushonje kandi ubandanya. Benshi badutahura nabi kandi bakadukekeza, ariko ivyo ni vyiza, turabakunda kandi turabasengera; yamara dukeneye gusa IJWI RIMWE ryo kuturongora.

Mbabarira, ariko ntegerezwa kubaha iki canditswe.

Igihe azotangura kuvuza inzamba, niho Ibanga rizoba riherahejwe.” Rero, Itegereze, kandi ni igihe c’amajwi y’agashashara k’indwi, k’ivyahishuriwe Yohana 10, ko bihishurwa. Muratahura? Igihe amabanga yose y’Igitabu azoba aherehejwe! Kandi Bibiliya ivuga hano yuko Amabanga azoba aherahejwe.

Ni nde azohishura arya mabanga? Umwungere wawe ? Umurwi ? Jewe ? Intumwa Mumalayika w’indwi : William Marrion Branham. Nta wundi muntu imbere yiwe, mu mwanya wiwe canke inyuma yiwe. Azoheraheza amabanga.

Hashobora kuba ari umunywamazi uzokubura mu kirere hanyuma hazoboneka itangazo rivuye mw’Ijuru, rivuga riti,” Ntibigitevye.” Asangwa ari, reka twitegure ubwacu, bagenzi, guhura n’Imana yacu.

Ego Mwami, Dushaka kwitegurira guhura nawe. Dushaka gukora ivyo dushoboye vyose. Dushaka kuba mu bugombe bwawe butunganye. Tubwire Data , twokora iki kugira twitegure?

Hariho imfungurwa nyinshi zashizweho ubu. Reka tuzikoreshe. Reka tuzikoreshe ubu.

Urakoze Data kubwo ibifungurwa washizeho kubwo Umugeni n’ukubihishurirwa . Turiko turabikoresha buri munsi.

Ndasabira ukubabarirwa kw’iri Shengero ryanje ritoya hano wandungitse kuyobora no kurongora. Bahezagire, Mwami. Nakoze bijanye n’indoto n’iyerekwa n’ibintu Yavuze, rero, aho ngeza kumenya, nabashiriyeho imfungurwa zose uko nshoboye, Mwami. Uko biri kwose, Mwami, Turi abawe.

Urakoze Mwami, Waratubwiye ubugira kandi, Washizeho imfungurwa zose dukeneye mu rugendo.

Ndindiranye igishika co kwumviriza, Mugenzi, iki ni Ikimenyetso c’iherezo? 62-1230E, hamwe namwe kuw’iyinga isaha zitandatu, Isaha ya Jeffersovnille(isaha 12 z’umugoroba mu Burundi). Ndazi ko tuzohishurirwa ibintu bushasha kuruta uko vyari mbere. Iki gishoboka kuba ari igihe ca nyuma tuvyumvirije.

Mbega vyocura iki ari ikintu kiturongorera kwinjira mu Kwizera kw’Izamurwa? Sivyo? Twokwiruka? Tugasimba ibihome? Hoba hariho ikintu citeguriye gushika, hanyuma iyi mibiri yononekaye, mibi ikazoca ihindurwa? Noshobora kubaho kugira ndabibone? Ewe Mwami? Vyoba vyegereye kuburyo nobibona? Uru rwoba ari rwo runganwe? Bagenzi, BeneData, ni igihe ki? Turi hehe?

MweneData joseph Branham

23-0618 Igihe c Ishengero ry i Lawodikiya

Ubutumwa: 60-1211e Igihe c Ishengero ry i Lawodikiya

Ibimenyeshejwe Ibimenyeshejwe ku bijanye n’ugusobanura mu zindi ndimi bikorerwa muri Branham Tabernacle

Bakunzi Abizera Ijambo Ritananirwa,

Mbega ukuntu vyabaye igitangaza kwumviriza no gusoma ibi bihe ndwi vy’Ishengero. Buri Butumwa twumviriza, Igice cose dusoma, Iriko iraduha uguhishurirwa kwinshi, twebwe ubwacu twibona tumanuka biciye mu gihe c’ishengero cose… Umugeni wiwe, uwagumanye Ijambo ryiwe ry’inkomoko.

Biciye mu bihe turabona neza impwemu zibiri ; Uruhendo rwa Satani n’ububeshi, yonona Ijambo ry’Imana, azana uruhendo kandi abesha hanyuma anesha abantu. Ariko igihe cose hamye hariho umugwi mutoya w’abantu wizigiwe, Umugeni wiWe, uguma kw’Ijambo ryose.

Hama hariho ukugabishwa guhabwa abantu, Mutegerezwa KUGUMANA N’IJAMBO. Ubugira kabiri mugume inyuma y’Iryo Jambo, Mwaracakiwe n’umutego wa Satani ; nk’uko Eva yabikoze kw’Itanguriro. Yarananiwe gukoresha Ijambo. Adamu yarananiwe mu kwubaha Iryo Jambo. Ariko Yesu, mu buzima bwiwe bwite, mu ntambara ubwiWe, yanesheje kubwo kwubaha Iryo Jambo ry’Imana.

Yavuze ati asangwa dukeneye kwicara ku ntebe yiWe y’Ubwami, Dutegerezwa kuba Rirya Jambo Rizima. Amasengesho yacu, ukwisonzesha, canke mbere n’ukwihana kwacu ntibizoduha ako karyo. Kazohabwa gusa Umugeni JAMBO.

Hariho vyinshi novuga, n’ivyanditswe nosangiye namwe mwese, ntivyohera. Ndazi yuko Ubu Butumwa buriko burarurumbira mu mitima yanyu kandi mukunda Ijambo ryose, nk’uko ndabikora. Rero ivyo dutegerezwa gukora gusa ni ukuvuga no gufatanya naRyo. Dushaka ko isi imenya: Ego, turi abantu ba Bande, Ego, turafyonda tukavuza. Ego, twizera ko Ijambo ryo kuri Bande ari Ryo rizotunganya Umugeni. Ego, Bande izokoraniriza hamwe Umugeni. Ego, gufyonda mukavuza ni Ubugombe bw’Imana butunganye. Ego, ndi Umugeni wiWe.

Ndazi yuko ndiko ndasubiramwo ubwanje ibiri mu makete yanje menshi, ariko ndanezerewe cane, rero ndanezerewe cane… Si agaseseshwa rumuri, Uyu ni umugambi w’Imana kubwo Ugeni wiWe.

Ubutumwa bwose twumviriza; turatangara cane, ukuntu batabona, batasoma canke ngo bumvirize ivyo twumviriza. Biri hariya, kuri Bande, inyuma ya buri Bande, inyuma ya buri Bande, Numva nobabwira nka kumwe Yesu yabwira Nikodemu ati, “ Ni wewe Mwami w’abisilayeli ukaba utazi ibi bintu?”

Umviriza gusa ukuntu uwo Mumalayika abikora.

Kubwo inyifato z’ikiremwa muntu gusa, umuntu wese arazi ko ahari abantu benshi haba hariho ivyiyumviro bitandukanye vy’inyigisho nyamukuru bose bahurizako.

Ku nyifato y’ikiremwa muntu gusa, ata gutahura kwa Mpwemu kuhabaye, umuntu wese arazi ko abantu babiri bazogira ivyiyumviro bitandukanye KU BINTU vy’inyigisho nyamukuru.

Bose boshobora kwemeranya maze bakavuga ko abantu badakoze ivyo bavuze ko boca bagenda, rero ugusambuka kuzoca gukurikira. Ariko umuhanuzi w’ukuri azokwama arongorera umuntu kw’Ijambo maze agumize abantu kuri Yesu Kristo kandi ntazobwira abantu kumutinya canke ivyo avuze ahubwo gutinya ico Ijambo rivuze.

Mbega Ijambo rivuga iki? Nzobarungikira Eliya umuhanuzi. Mu minsi y’IJWI. Azoba ari Umuhanuzi Jambo umwe… Umwe gusa… Kuko Imana Yahaye gusa uwo wenyene uguhishurirwa. Niwe azoshumbusha Umugeni wanje.

Amajwi menshi n’ivyiyumviro n’ivyanditswe ni gute vy’ukuri wovyizera?

Ninde none azoba afise ubushobozi butananirwa buzoshumbushwa muri iki gihe ca nyuma, kuko iki gihe kizosubira kugaragaza Umugeni Jambo atunganye?

Uwo niwe Umugeni ashaka kwumviriza, uwufise ubushobozi butananirwa, kuko niwe AZOSHUMBUSHA Umugeni. Ntazogira ivyiyumviro bitandukanye, ni Ijambo.

Ikibazo: Mwami dushaka kumenya ninde muntu azoba afise amajambo atananirwa?

Nzobabwira uwuzoba ayafise, azoba ari umuhanuzi yagaragajwe, canke yagaragajwe gusumba umuhanuzi uwari we wese mu bihe vyose uhereye kuri Enoki gushika iki gihe, kuko uyu muntu azoba afise ibuye ry’ukunengesera ry’igikorwa c’ubuvugishwa hanyuma Imana Izomugaragaza. Ntazotegerezwa kwishingira intahe , Imana Izomushingira intahe biciye mw’Ijwi ry’Ikimenyetso. Amen.

Inyishu: William Marrion Branham

Reka ndabatere intege uyu musi mwebwe Umgeni yatoranijwe. Ntimushobora kandi ntimuzokwira muhendwa. Ivyo murabitahura? Nta wundi muntu ashobora kubahenda. Paulo iyo akaba mu kinyoma ntiyari gshobora guhenda uwatoranijwe n’Umwe. Mbere no mu gihe c’ishengero rya mbere rya Efeso, Abatoranijwe ntibari gushobora guhendwa, barageza intumwa z’ikinyoma n’abahanuzi b’ababeshi bagaca babata kure.

Umugeni w’ubwiza…Muri Intama ziWe kandi mwumviriza Ijwi ryiWe maze mukamukurikira. Muri Umugeni Jambo Rizima!!

Nta kintu na kimwe gihambaye gusumba kwumviriza aya majambo. Kumenya mu mutima wawe no mu bugingo bwawe yuko uri Umugeni wiWe. Imisi isi yari irindiriye yarashitse. Umugeni ariko aritahura ubwiwe kandi ariko aracika umwe hamwe We, turi icaremwe gishasha c’Imana.

Ubugira kandi ndabinginze, Umviriza IJWI RY’IMANA kuw’iyinga, aho ari ho hose mukoranira, ntaco bitwaye Ubutumwa bwose mwokwumviriza mu gihe muriko murumviriza Ijwi ry’Imana ryagaragajwe. Iryo Jwi ni Ijwi Imana yahamagaye hanyuma araritoranya kugira rishumbushe kandi rikoranirize hamwe Umugeni.

Ku mashengero yose, ku bantu bose, muratumiwe kwumviriza hamwe natwe kuri uwu w’iyinga kw’isaha zitandatu isaha ya Jeffersonville (isaha cumi na zibiri z’umugoroba mu Burundi), Mu gihe tuzokwumviriza: Igihe c’Ishengero ry’I Lawodikiya 60-1211E

MweneData Joseph Branham

23-0611 Inkumi Cumi, N’ Abayuda Ibihumbi Ijana Na Mirongo Ine Na Bine

Ubutumwa: 60-1211m Inkumi Cumi, N’ Abayuda Ibihumbi Ijana Na Mirongo Ine Na Bine

Ibimenyeshejwe Ibimenyeshejwe ku bijanye n’ugusobanura mu zindi ndimi bikorerwa muri Branham Tabernacle

Bakunzi Abakunda Manu,

Turanezerewe kuko dushobora gufungura Imfungurwa zitagira igufa canke urubuto muri zo. Imitsima imanuka ivuye mw’Ijuru, yitwa « Manu, » Ipfukishijwe uburyohe bwose bwo mw’Ijuru.

Kubwo Uguhishurirwa kwa Mpwemu Yaduhishuriye ko hariho ikibanza kimwe gusa dushobora kuronkamwo Iyi Manu nshasha itarimwo imbuto : Mu kwumviriza Ijwi ry’Imana Yateguriye Umugeni waYo.

Nico gisabo ciWe ko muri buri gihe amashengero yokwumviriza Ijwi ry’Umwami. Muri iki gihe ca nyuma , igisabo ciWe kirarengeye gusumba mbere n’ikindi gihe ; kuko iki ari igihe c’Ukuza kw ‘Umwami. Yaratugabishije, mu vyihuta vyose, y’uko dutegerezwa kwumviriza Ijwi ryiWe ry’ukuri ryagaragajwe.

Yooo,hariho Amajwi menshi mw ‘isi- Ingorane nyinshi kandi bikenerwa kubimerera magabo ; Ariko ntihazokwigera habaho Ijwi ngirakamaro cane kandi Ribereye gukurikira nk’Ijwi rya Mpwemu. Rero, « Uwuri n’ugutwi niyumve ico Mpwemu abwira Amashengero. »

Ukwo ni, ukugabisha kwiWe ku mashengero yiwe, Ukuntu ari ngirakamaro kwumviriza IJWI rya Mpwemu. Vy’ukuri aho niho umwansi azomenera, agerageza kwigiza kure akamaro ko kwumviriza iryo IJWI mu bantu.

Atubwira ko hariho AMAJWI MENSHI. Hariho ingorane nyinshi n’imitwaro myinshi kandi bikenerwa kubimerera magabo , ariko ntimwibagire, mutegerezwa kwumviriza IJWI RYIWE RYAGARAGAJWE.

Asangwa ndabababaje mukuvuga ivyo, murantunga, ariko niyumvisemwo ko nobivuga, ariko, ndi Ijwi ry’Imana kuri mwebwe.

Ng’iyo inyishu : NDI IJWI RY’IMANA KURI MWEBWE.

Biratahuritse cane ku Mugeni wiWe. Si ibinyegezwa, biri hariya ku mugaragaro. Umuntu wese arashobora kubisoma. Simbwira abantu ikintu Atavuze… Sindiko ndaciremera. Atubwira neza ikintu dutegerezwa gukora. Ubugombe bw’Imana butunganye ni UKWUMVIRIZA IJWI RYIWE KANDI NI IJWI RY’IMANA KURI TWEBWE.

BeneData na bashikibacu, sindiko ndavuga ko mutoshobora kwumviriza abungere banyu. Sindiko ndavuga ko atari ab’ubukuri canke ab’ibikinyoma igihe bigisha. Vy’ukuri Umwami yadushize hano kugira tube imfashanyo ku Mugeni hanyuma tubakangurire KUGARUKA kw’Ijambo ry’inkomoko ; mu gushira Iryo Jwi Imbere yanyu nk’Ijwi ngirakamaro cane mwoshobora kwumviriza. Dutegerezwa KUGARUKA KU BUGOMBE BUTUNGANYE BW’IMANA. Adamu yashumushijwe, ahabwa inkomezi kw’Ijambo. Imana yavugana na Adam umunwa ku gutwi buri munsi mw’itongo, kandi uyu munsi, Iriko irakora ico kintu nyene.

*Twotegerejwe guhagara mu canzo maze tukavuga tuti, “Turi Benedata!” Ntitwiciyemwo ibice, twese turi umubiri umwe, ivyizigiro bimwe n’inyigisho zimwe (Inyigisho za Bibiliya)

Turi BeneData. Sindiko ndagerageza gusambura amashengero, ndiko ngerageza kugira twiyungire hamwe n’ikintu gusa gishobora gushira hamwe Umugeni. Twese ntidushobora kwemeranya N’UMUNTU WESE canke UMUGWI W’ABAKOZI B’IMANA, bose baratandukanye, kandi bavuga ibintu bitandukanye. Hariho GUSA Intumwa Mumalayika w’indwi imwe. Hariho Ijwi ry’Imana rimwe gusa. Ijwi Imana yateguriye Umugeni waYo riri kuri Bande.

Reka ndabishire kumugaragaro, Uguhishurirwa kwanje ni : Kwumviriza Ijwi ry’Imana kuri Bande ni UBUGOMBE BW’IMANA BUTUNGANYE .

Nko mu gihe ca Samweli, igihe abantu bamwegera hanyuma bamubwira ko bari bakeneye umwami wo kubarongora. Vyateye umubabaro umutima wiwe. Yaragiye ku Mana hanyuma aYibwira ivyo bari bakeneye. Imana yabwiye Samweli Iti, ntibanse wewe, Samweli, Banse jeWe, kugira sindabaganze.

Ni gute ukuganza kwiWe kuri bo kwari kumeze? KUBW’UMUHANUZI WIWE SAMWELI. Ivyo vyari UBUGOMBE BWIWE BUTUNGANYE, kandi baramwanse. Kugira ngo ube Umugeni wiwe utegerezwa KUGARUKA ku bugombe bwiwe butunganye. Ntushobora kugira UBUGOMBE BUBIRI BUTUNGANYE.

Es’ ukuntu nokwipfuje yuko Umugeni wese yo kwiyunga kw’isi yose kugira ngo yumvirize ijwi ry’Imana mu mwanya umwe. Atari kubera “ JEWE” Ndabivuze, ariko kubera ko ari Imana Iriko IRABIKORA. Ico nico kintu conyene gishira umugeni waYo hamwe.

Ndabatumiye kugira ngo muze kwumviririza hamwe n’ igice c’Umugeni, kuw’iyinga isaha zitandatu z’umuhingamo, isaha ya Jeffersonville (zikazoba ari isaha cumi na zibiri z’ umugoroba mu Burundi), mu kumviriza : Inkumi Cumi, n’Abayuda Ibihumbi Ijana na Mirongo Ine na Bine 60-1211M.

Asangwa utokwiyunga natwe, tera intege umwungere wawe mu kumviriza ijwi ry’Imana kuri uyu w’iyinga mu gatondo mw’ishengero ryanyu. Mwoshobora kwiyumvira umugeni wo kw’isi yose, mw’ishengero ryose, mu nzu yose, canke aho ari ho hose muri, mwumviriza
manu nshasha Ipfukishijwe uburyohe bwo mw’Ijuru.

MweneData Joseph Branham

23-0604 Igihe C Ishengero Ry I Filadelufiya

Ubutumwa: 60-1210 Igihe C Ishengero Ry I Filadelufiya

Ibimenyeshejwe Ibimenyeshejwe ku bijanye n’ugusobanura mu zindi ndimi bikorerwa muri Branham Tabernacle

Mukunzi Mukenyezi Yesu Kristo,

Ivyo ntivyumvikana nk’igitangaza ? Umwagazi w’intama n’Umugeni wiWe ibihe vyose bamye mu kwera kwose kw’Imana. Mbega twovyerekana gute ? Tuvyiyumvireko. Tuvyibazeko. Dusoma ivyo Ijambo Ribivugako. TuraMubona Asangira NATWE Ukwera kwiWe bwite. Muri We, Twahindutse ukugororoka kw’Imana.

Mbega umunezero bituzagira igihe dufyonze tukavuza, hanyuma tukumviriza Imana ubwaYo Ivugana natwe biciye mu mu malayika waYo w’inkomezi maze akatubwira ibi bintu.

Nta kintu na kimwe kihari muri buno buzima, gihagije nk’uko bishoboka, ciza kandi kimeze neza nk’uko bishoboka, yamara muzosanga ukwera kwose muri Kristo. Ikintu cose gikamanganira vy’ukuri iruhande Yiwe.

Yatubwiye ko tuzoronka Izina rishasha, Izina ryiWe. Tuzohabwa Izina ryiWe igihe azodutwara iWe. Bizoba ari ivy’igitangaza gusumba uko twovyiyumvira.
Tuzogenda aho ari ho hose Umukwe azoja. Ntazigera adusiga. Ntituzigera tuva mu ruhande rwiWe. Tuzosangira nawe Intebe yiWe. Tuzokwambikwa Igitsibo n’ubwiza bwiwe hamwe n’icubahiro ciWe.

Kandi nk’uko Yigaragaza ubwiWe kw’isi, rero isi yose yunama ku birenge vyiWe, ico gihe isi yose izokwunama ku birenge vy’abera, vyerekana yuko babaye ab’ukuri mu gihagararo cabo hamwe naWe. Imana Ihezagirwe ibihe vyose !

Yatumenye ubwa mbere kubw’inshingano yaYo y’ubumana yuko twobaye Umugeni waYo. Yaraduhisemwo ; NtitwaMuhisemwo ; YaraDuhamagaye ; NtiTwizanye. YaraDupfiriye. YaTwogeje mu Maraso yiWe bwite. YaraTurihiye ikiguzi. Dukomoka kuri We, kandi kuri We wenyene. TuraMwishikaniye uko turi kwose kandi Yemera iyo nshingano. Ni Umurongozi wacu. Avugana natwe biciye ku mumalayika wiWe natwe tukubaha, kuko uwo niwo munezero wacu.

Kuva ku ntango gushika kw’iherezo, Ubutumwa ku Mabande ni IMANA gusa kuri TWEBWE. Reka ubwo Bugingo bwibere muri TWEBWE. Ese yoba Amaraso yiWe atwoza. Ese yoba Mpwemu wiWe atwuzuye. Ese ryoba ari Ijambo ryiwe mu mitima yacu no mu kanwa kacu. Ese yoba ari imishishagu yiWe idukiza. Nabe Yesu, kandi Yesu wenyene. Si kubwo ibikorwa vy’ukugororoka, twakoze. Kristo niWe bugingo bwanje. Ubu Butumwa nibwo Bugingo bwacu, kuko ari Kristo.

Yooo, hariho amajwi menshi mw’isi, Ingorane nyinshi n’imitwaro bisemerera ngo vyitabweho, ariko ntihazigera habaho ijwi ngirakamaro kandi ribereye kwitabwaho nk’ijwi rya Mpwemu. Rero, “ Uwuri n’ugutwi, niyumve ico Mpwemu abwira amashengero.”

Imana Ifise Ijwi kubwo iki gihe. Vyagaragajwe n’inkingi y’umuriro ko ari Ijwi ry’Imana. Ntihazigera habaho ijwi NGIRAKAMARO KANDI RIBEREYE KWUMVIRIZWA nk’ijwi ryo kuri bande uyu munsi.

Nimuze mwifatanye natwe kuw’iyinga isaha zitandatu z’umuhingamo kw’Isaha y’I Jeffersonvillle( akaba ari isaha cumi na zibiri z’umugoroba mu Burundi). Dufise agasaho kose k’ivyandiko kuzuye Ubuki. Tuzogashira ku Rutare, Atari kw’ishengero iryo ari ryo ryose; ku Rutare, Yesu Kristo. Kandi mwebwe Intama mugende kurigata. Muzomererwa neza ubwo nyene. Ingorane zose z’ivyaha zizokamangana igihe murigase urwo Rutare. Ivyo nivyo mutegerezwa gukora, Ni muze mwumvirize Ijwi ry’Imana Ritubwira ivyerekeye, “ Igihe c’Ishengero ry’I Filadelifiya 60-1210.

MweneData Joseph Branham

23-0528 Igihe C Ishengero Ry I Sarudi

Mesagj: 60-1209 Igihe C Ishengero Ry I Sarudi

Ibimenyeshejwe Ibimenyeshejwe ku bijanye n’ugusobanura mu zindi ndimi bikorerwa muri Branham Tabernacle

Bakunzi mubereye, Bagororotsi,

Nkukuma, mwoba mwiteguriye gukoranira hamwe uwu w’iyinga kugira mwumvirize Ijwi ryiza rya Yesu Rivugana namwe maze Rikavuga riti, « Murabereye. » « Muri abanJe. » « Muri Abagororotsi. » « Muzogendana nanje mwambaye imyambaro Yera. » « Amazina yanyu yanditswe mw’Ijuru. »

Aya si amajambo yanje, ariko ni amajambo ya Data ari mw’Ijuru Avugana NAMWE, Umugeni wiWe yatoranijwe. Mpwemu Yera yaragarutse kandi Yihaye umubiri, kugira ngo ashobore kuvugana umunwa ku gutwi n’Umupfasoni wiWe yatoranirijwe aya majambo y’Igitangaza.

Ni Igitangaza kubumviriza, navuga ivyanJe canke uwo ari we wese yovuga ati, “ Yesu Yaravuze”, Ariko kuMwumviriza avuga biciye mw’Ijwi ryiWe ryatoranijwe, uwigeze kubabwira, Kubwanje… Nta kintu gihambaye gihari.

Hariho Amajwi menshi Imana ikoresha kugira Izane Ijambo ryayo kw’isi. Yarabahisemwo hanyuma Ibashiraho kugira babe umuhezagiro kw’isi n’Umugeni wiWe.

Igihe Yesu yari hano kw’isi mu mubiri w’umuntu, yari yarahisemwo abagabo, Intumwa ziwe, kugira ziMukurikire hanyuma zivuge kubiMwerekeye, ivyo zabonye bitangaje n’ivyo zumvise. Aba abagabo nibo yarungitse gukwiragiza Ubutumwa Bwiza, inkuru nziza yuko Mesiya yari yaje, yari hariya, kw’isi hamwe nabo, yarungitse babiri babiri gutangaza iyi nkuru nziza ihambaye hamwe no kuzana abantu bose kuri We.

Mu gihe yari yabakoranirije hamwe ijoro rimwe, Yarababajije ati, “ Muvuga ko ndi Nde?” Bishuye bati, “ Bamwe bavuga ko uri Eliya, abandi bavuga ko uri Yohana Umubatizi.” Ariko yavuze ati, “ Mweho MUVUGA ko ndi Nde?” Hanyuma Petero yavuze ayo majambo ahambaye ati, “ Uri Kristo, Umwana w’Imana Nzima.” Yesu yaramwishuye maze avuga ati, “ Si umubiri n’amaraso vyaguhishuriye ibi, Petero, ariko Data wo mw’Ijuru niWe yabiguhishuriye , kandi kuri uru rutare (Uguhishurirwa) nzorwubakako Ishengero ryanje.”

Isi yaratsitaye kuri iri banga rihambaye. Bamwe bizera yuko yashatse kuvuga Petero. Bamwe bizera yuko rwari urutare rwari rurambaraye hariya. Abandi bizera yuko yari Yesu. Ariko kubwo Uguhishurirwa, twahawe kubwa Mpwemu Yera, turazi ko kwari UGUHISHURIRWA KW’UWO YARI.

Inyuma y’urupfu rwa Yesu, uguhambwa n’ukuzuka, ku munsi wa Pentekoti, baratumwe kubwira Isi iyi nkuru ihambaye. Petero yaracaguwe ubugira kandi kugira ngo abe umuvugizi hanyuma agendere Imbere y’abantu maze atangaze ukuntu boronka Mpwemu Yera. Yavuze ko bategerezwa kwihana maze bakabatizwa mw’Izina ry’Umwami Yesu Kristo.

Mbega ikibanza Mpwemu Yera yashizemwo Petero . Twoshobora kwiyumvira ukuntu abantu bamwitegereza. Yagendanye na Yesu igihe Yari hano kw’isi yambaye umubiri. Yari umugenzi wiWe. Yama iruhande yiWe buri munsi. Uwo yari yarahisemwo kuzoha Uguhishurirwa. Ariko Imana Yari yaratoranije UWUNDI MUNTU umuhanuzi wayo : Paulo.

Igihe Petero yaza I Antiyokiya kubonana na Paulo, yariko aranywa yongera afungurira hamwe n’abanyamahanga. Ariko igihe umugwi w’abantu waza hariya uvuye kwa Yakobo, yariyonjoroye hanyuma aratinya. Paulo yamugishije impari ku mugaragaro imbere y’abandi hanyuma yavuze ko atagendeye mu kuri kandi yategerezwa kwidogerwa. MweneData Branham avuga ko Petero yatwawe n’ubuhumvyi bw’abayuda.

Mbega ibi bitubwira iki uyu munsi ? Ntaco bitwaye uwo woba uri wese. Ukwo boba bafise Mpwemu Yera Kwose. Ububasha boba bafise canke umuhamagaro boba bafise. MUTEGEREZWA KUGUMANA N’UMUHANUZI W’IMANA YATORANIJWE KUBWO ICEMEZO CANYU NTANYIGANYIZWA. KUKO WE, KANDI WE GUSA NI UMUSOBANUZI AVA KU MANA W’IJAMBO RY’IMANA.

Ibi ntibirwanya Petero canke abigishwa abari bo bose batoranijwe b’Imana, ico gihe canke ubu. Batoranirijwe gukwiragiza Ubutumwa bwiza, ariko Imana yari yaratoranije UMUNTU UMWE kw’ishengero ryayo. We wenyene yari Umuhanuzi w’Imana yatoranijwe afise Niko Uhoraho Agize, Nti bari bo. Bari bafise ikibanza cabo, ariko Yarafise UMUHANUZI UMWE ashobora gushira Ishengero ryiwe ku rutonde, afise Ijambo rya nyuma ku Mugeni wiWe.

Ibi bitwereka ukuntu dutegerezwa kumera magabo mu kwumviriza Ijwi ry’Imana ryagaragajwe kubwo igihe cacu. UWO yatoranirije kuba Umusobanuzi w’Ijambo ryaYo ava ku Mana . Nta kintu GIHAMBAYE nko kwumviriza Ijwi ryiWe Rivuga riciye mu Mumalayika wiwe; Ijwi ry’uwo yatoranije, Atari Ijwi ryacu.

Turabona biciye mu bihe vyose ukuntu Imana yaba ifise umugwi watoranijwe w’abantu bashobora KUGUMANA N’IJAMBO RYAYO hamwe n’intumwa yiWe yatoranijwe. Iryo Jwi Ririko Riratubwira buri munsi abo turi, UMWE MURI BO.

Yari gushobora kurungika abahindura ibintu kw’Ishengero ryiWe, ariko UYU MUNSI, Yarungitse uwushumbusha wiwe , “ Nzoshumbusha Niko Uhoraho Agize, kandi nzogarukana imitima y’Abana , kuko mfise vyinshi vyo kubabwira muri iyi minsi y’Ijwi ryanJe.”

Muratumiwe kuza kwumvirizanya hamwe natwe Rirya Jwi, Uw’iyinga Isaha zitandatu z’umuhingamo, isaha ya Jeffersonville (akaba ari isaha cumi na zibiri z’umugoroba mu Burundi), mu gihe Izoba Iriko Ivugana natwe kandi itwereka Ishengero ry’ikinyoma n’iry’ukuri mu kiringo c’ “ Igihe c’Ishengero ry’Isarudi 60-1209.

MweneData Joseph Branham

23-0521 Igihe C Ishengero Ry I Tuwatira

Ubutumwa: 60-1208 Igihe C Ishengero Ry I Tuwatira

Ibimenyeshejwe Ibimenyeshejwe ku bijanye n’ugusobanura mu zindi ndimi bikorerwa muri Branham Tabernacle

Bakunzi Nyenyeri zo mu gitsibo ciWe

Himbarwa Mugeni. Turiko turaba Umwe naWe. Buri munsi, Iriko Iraduha Uguhishurirwa kwiwe ubwiWe hamwe natwe. Turiko turagirwa bazima n’inkomezi zitanga ubuzima ziri kandi zigerereye muri twebwe.

Ntidushobora no gutangura gusigura uko twiyumva. Twamizwe na Mpwemu wiWe. Ni ico ciyumviro cacu cose. Nta kindi kintu ngirakamaro kuri twebwe. Tubona Ijambo ryiWe rihinduka Ijambo muri twebwe. Rigaburira Ubugingo bwacu. Tubaho buri munsi kugira tuYisenge, tuYitazire, kandi tuYishime kuko dushobora kwumva Ijwi ryaYo Rivugana natwe.

Mu gihe dusoma Igitabu cacu c’Igihe c’Ishengero, vyogorana kugira tugishire hasi, imitima yacu iriko iraturika. Buri munsi Ituzanira ukundi guhishurirwa. Dushaka gusimbasimba maze dukome akaruru, twiruke hirya no hino mu cumba hanyuma dusemerere tuti, “ Imana Ishimwe, Haleluya, Umwami ashimwe.” Mwoba mwarasomye ibi?” Ndabifise vyerekanywe neza, ariko sinigeze, SINIGEZE, ndabisoma nk’uko mbere. “ Iriko Iraduhishurira Bibiliya yose uhereye mw’Itanguriro gushitsa mu vyahishuriwe Yohana, kandi ndabona TWEBWE UBWACU MW’IJAMBO RYIWE.

Turabona Urya Mugeni w’Ukuri yagumanye n’Ijambo mu bihe vyose kandi ntiyahenzwe n’uruhendo ruhambaye rwa Satani. Yashatse gusengwa nk’Imana. Ariko igihe cose habayeho Uwo MUGENI W’UKURI, aguma ari umwizigirwa kw’Ijambo ryiWe. Urya mugwi mutoyi watoranijwe wagumanye n’Intumwa yiWe. Ntibari gushobora, ntibogiriraniye imyumvikano , nka twebwe. Bari bazi yuko hariho UBURYO BUMWE GUSA bwo: Kugumana n’inzira yiwe yateguwe, Ijambo ryiwe, Umumalayika wiWe.

Ukuntu Satani yamye ari umunyaruhendo igihe cose. Yakoze mu buryo bwiwe biciye mu bihe vy’Ishengero bitandukanye gushika ashikije imigambi yiwe. Ubu yegereye UWUTUNGANYE kuburyo yohenda n’uwatoranijwe iyaba vyoshoboka… Ariko Imana Ishimwe, NTIVYOSHOBOKA, NTITWAHENZWE. Kuki? TWAGUMANYE N’IJWI RY’IMANA, IJAMBO RYIWE RYIHAYE UMUBIRI.

Nta bundi buryo bwo kuRizunguruka. Ijwi ry’Imana ni inzira yiwe yateguwe kubwo iki gihe. Twagumye dukora ibikorwa vyiwe mu bwizigirwa gushika kw’iherezo. Twarahawe ubushobozi ku mahanga, kandi turi abarongozi bakomeye, bashoboye, batanyiganyiga bashobora guhangana bikomeye n’igihe ico ari co cose . N’umwansi wacu wo ku rwego rwo hejuru yarajanjaguwe. Twemeza ububasha bwacu , kubwo ubushobozi bwiWe , kurya kw’ Umwana ubwiWe.

YOOO, Ese ukuntu twipfuza kwerekana mu majambo ukungene twiyumva. Umusi umwe tuzobishobora bagenzi, tuzobana n’Umwami wacu mu bihe Bidashira, umumalayika wiWe, turi kumwe.

Nka wa mupfasoni w’umwirabure I Memphis, twaramenye ko yari we igihe twamwumva. Kuki? Yooo, turi UMWE MURI BO.

Wokwipfuza ko Mpwemu yera avugana nawe maze akakubwira uwo uri? Ingo ugiriranire imigenderanire n’ukubaho k’Umwami hamwe natwe kuri uwu w’iyinga isaha zitandatu ku muhingamo , isaha ya Jeffersonville (akaba ari isaha 12 zo ku mugoroba mu Burundi), Mu gihe tUzokwumviriza: Igihe c’ishengero ry’I Tuwatira 60-1208. Bizohindura ubuzima bwawe.

MweneData Joseph Branham

23-0514 Igihe C Ishengero Ry I Perugamo

Ubutumwa: 60-1207 Igihe C Ishengero Ry I Perugamo

Ibimenyeshejwe Ibimenyeshejwe ku bijanye n’ugusobanura mu zindi ndimi bikorerwa muri Branham Tabernacle

Bakunzi bana b’Umuhanuzi,

Turi Ijambo ryagaragajwe, twahawe inkomezi na Mpwemu, twumviriza Ijwi ry’Imana, nk’uko abitubwira, TURI UMUGENI WIWE.

Data yahaye Ishengero ryiWe ingabire ICENDA za Mpwemu, hamwe n’ibikorwa bitanu vy’ivugabutumwa, ariko Yesu Yavuze Ati: Muri BURI gihe cose nzokorana n’umuntu UMWE GUSA. Intumwa IMWE gusa muri buri gihe cose niyo izokwakira ivyo ntegerezwa kubwira ico gihe. Yuko iyo NTUMWA ari yo ntumwa kw’ishengero ry’ukuri.

Ivugana n’Imana kubwo uguhishurirwa. Ubutumwa buca bukwiragira kuri bose , ariko bwakirwa n’umugwi munaka wiharije mu buryo bunaka. Buri muntu ku giti ciwe muri uwo mugwi niwe afise ubushobozi bwo kwumviriza ivyo Mpwemu aba ariko aravuga biciye muri iyo Ntumwa. Abo bumva si kubwo uguhishurirwa kwabo bwite, si n’umugwi uronka uguhishurwa kwawo muri rusangi, ARIKO BURI MUNTU ARIKO ARUMVIRIZA HANYUMA ACA ARONKA IVYO IYO NTUMWA YARONSE BIVUYE KU MANA.

Ese ukuntu dutegerezwa kumera magabo mu kwumviriza Ijwi, kuko Mpwemu niryo Jwi gusa afise ariryo Jwi ry’Imana.

Hariho IJWI RY’IMANA RIMWE kandi ntiRitegerezwa kugezwa nka zimwe ICENDA, canke gusuzumwa kwa bamwe BATANU ; NI IJWI JAMBO RITUNGANYE GUSA !!

Twoshobora kwumviriza abandi bavugabutumwa ? Ego, ariko ikintu nyamukuru gusa ni ukuvuga ivyavuzwe n’umuhanuzi. Abandi boshobora kandi bohanura, bakigisha hanyuma bakavuga ubutumwa ; ariko Imana yaraduciriye inzira uyu munsi gusumba IKINDI GIHE. Turashobora kwumva ivyo Imana Ibwira Ishengero neza na neza ata guca ku ruhande.

Yatubwiye ko dutegerezwa kumera magabo. YATUBWIYE, SI JEWE, yuko abongerako hano , canke abongerako hariya, kandi vuba Ubutumwa ntibuzoba bugitunganye. Igihe ukwumviriza Ama Bande , ari Ijambo kw’Ijambo, Niko Uhoraho Agize.

Ikimenyamenya c’ukubaho kwa Mpwemu kwari ugushima hamwe no GUKURIKIRA Ivyo Umuhanuzi w’Imana yahaye igihe ciWe mu gihe yashira ishengero ku rutonde.

Nico gituma dukurikira, hanyuma tukavuga , yuko umwungere wacu ari we ntumwa mumalayika w’indwi kandi tugashaka gusa kwumviriza ivyo yategerezwa kuvuga. Kuri twebwe , ni Manu ihishijwe.

Uguhishurirwa kwasutswe ku ntumwa mumalayika wacu. Uguhishurirwa kw’Ijambo kwaratanzwe kandi yaraguhawe kubwo igihe cacu. Arafise uguhishuriwa guhamabye kw’ico Kristo Ari ; umuhamagaro uhambaye gusumba iyindi yose. Asangwa tudashoboye kubaho ubuzima gusumba umwungere wacu, rero dukeneye William Marrion Branham nk’umwungere wacu.

Turazi y’uko abandi batazobona nk’ivyo tubona, hanyuma ngo bizere nk’ivyo twizeye, ariko baracari beneData n’abashikibacu, kandi tuzobana nabo mu bihe bidashira. Ariko dutegerezwa kuguma turi abizigirwa kuvyo twizeye yuko ari inzira Imana yatweretse kugira tuMusenge hanyuma tuMukurikire.

Ku bandi biroroshe kuvuga yuko dushira imbere Intumwa, ariko mu vy’ukuri, tuba turiko turavuga ivyo yavuze . Mutegerezwa gushira ivyo hejuru hamwe n’Umwami. Kuko aba Ari IJwi ry’Imana riba ririko rivuga ibi bintu.

Reka twugurure imitima yacu hanyuma twiyumvire maze dusome ivyo Mpwemu atubwira biciye mu Mumalayika wiWe :

Araje mw’isi vuba, Umumalayika ahambaye w’Umuco azoza kuri twebwe, aturongorere gusohoka, Mpwemu Yera ahambaye, azoza mu bushobozi, hanyuma azoturongorera ku Mwami Yesu Kristo. Nkumbure ntavyo azomenya, ariko azoba ari hano imwe muri iyi minsi. Azotuma… Imana izomumenyekanisha. Ntazotegerezwa kwimenyekanisha , Imana Izomumenyekanisha. Imana Izokwemeza Abayo. Ivyo nivyo Yesu Yavuze igihe yari hano kandi ntibaMumenye, murabona. Yavuze ati « Nintakora Ibikorwa vya Data, Rero ntimuNyizere ; ariko asangwa nkoze ibikorwa vya Data, hanyuma ntimuNyizere, rero izere ibikorwa. » Ukwo ni ukuri ?

Ntariko ariyita ubwiwe Umumalayika ahambaye w’Umuco kubwo iki gihe ? Turazi yuko ari Mpwemu Yera muri We, Ariko yavuze ati : Nkumbure ntavyo azi, ariko azoba ari hano imwe muri iyi minsi. Mpwemu Yera ntazomenya uwa ari we ? Ntazotegerezwa kwimenyekanisha ; ubwiwe Imana izomumenyekanisha.

Rero ariko iriko Iravuga yuko , Umuhanuzi w’igihe cacu ari umumalayika ahamabaye w’Umuco azoturongorera gusohoka hamwe no kuri Yesu Kristo kubwa Mpwemu Yera biciye muri We. Hariho uguhishurirwa kw’igihe cacu.

Ninde azomenyekanisha Umugeni ku Mwami ? UMWUNGERE WACU.

Ariko uwu muhanuzi azoza, kandi nk’integuza kubwo ukuza kwa mbere yarasemereye ati, “ Ng’uyu Umwagazi w’intama w’Imana ukura icaha c’abari mw’isi,” kandi nuwo ata nkeka azosemerera ati, “ Ng’uyu Umwagazi w’intama w’Imana , aje mu bwiza.” Azokora ibi, kuko na Yohana yari Intumwa y’ukuri kubatoranijwe, niko iri n’iyi ntumwa yanyuma ku mugeni yatoranijwe akavyarwa n’ Ijambo.

Tumaze kumenya uku kuri, kandi tumaze kuronka Uguhishurirwa kwose kwiwe muri iki gihe, twacitse Umugeni yavyawe na Mpwemu kandi yuzuye Mpwemu.

NEZERWA MUGENI, UKWO NI KWO TURI!

Igihe umuntu yavyawe na Mpwemu kandi yuzuye Mpwemu mu kwizera, afashe Ijambo mu mutima wiwe maze akaryatura n’umunwa wiwe, yemwe aho ni nk’Imana Iba Iriko Iravuga. Umusozi wose utegerezwa gushinguka. Satani ntashobora guhagarara imbere y’uwo muntu.

Ubu uguhuza nyakwo kuri hagati y’Umukwe na twebwe, Umugeni wiWe. Yaratweretse Ijambo ryiWe ry’ubugingo, kandi twaraRyakiriye. Ntituzokwigera tuRikekeranya. Kubw’ivyo, nta kintu na kimwe gishobora kutugirira nabi, habe n’urupfu.

NEZERWA MUGENI, UKWO NI KWO TURI !

Ijambo riri mu Mugeni (nk’uko ryari riri muri Mariya). Umugeni afise ivyiyumviro nk’ivya Kristo kuko arazi ico ashaka gukoresha Ijambo. Ashitsa ic’ Ijambo ritegeka mw’Izina ryiWe kuko afise, “ Niko Uhoraho Agize.” Hanyuma Ijambo Rigirwa Rizima na Mpwemu kandi Rigashitswa. Nk’uko urubuto rwatewe maze rukavomerwa, rugashika ku gihe c’iyimbura , rugakora intumbero yarwo.

Twarashitse kw’iyimbura ryose kandi ubu turiko dukora intumbero yiWe. Dushobora gukora gusa ubugombe bwiWe Nta n’umwe yodutuma dukora ibindi. Dufise “ Niko Uhoraho Agize,” kandi tuguma dutekereje. Turazi yuko ari Imana Iri muri twebwe, Ikora ibikorwa, ishitsa Ijambo ryaYo bwite.

Turahimbawe, kuko Umuhanuzi yaratubonye hirya ya ca Gihuzu c’igihe mu gihe twese tuduza amajwi yacu maze tugakomera akaruru hamwe tuti, “turuhukiye kuri ivyo”.

Nimuze mwifatanye natwe ku w’iyinga kw’isaha zitandatu z’umuhingamo , isaha ya Jeffersonville ( akaba ari isaha cumi na zibiri z’ umugoroba mu Burundi) , mu gihe twumviriza Ijwi ry’Imana Rituzanira Ibanga ry’ : Igihe c’Ishengero ry’I Perugamo 60-1207

MweneData Joseph Branham

Uguharura 23:8-9
Ivyahishuriwe Yohana 2:12-17, 17:1-5, 17:15