All posts by admin5

21-0815 Urubuto Ntiruzoraganwa nIgishishwa

Ubutumwa: 65-0429b Urubuto Ntiruzoraganwa nIgishishwa

Kuvoma Ubutumwa

Ibimenyeshejwe Ibimenyeshejwe ku bijanye n’ugusobanura mu zindi ndimi bikorerwa muri Branham Tabernacle

INKUKUMA ZIRAKORANIRA HAMWE

Mukunzi Kara ko Mu Mara Yiwe,
Ndanezerewe cane yuko Imana Idahindura ivyiyumviro vyaYo kubijanye n’ Ijambo ryaYo. Uko yari ejo, niko ari nuno musi kandi niko azokwama ibihe bidashira. Ukuntu yakoze ibintu uhereye ku ntango, Abikora co kimwe n’uno musi. Imana, UbwaYo, Yigaragaje mu mubiri w’umuntu, kubw’Amaraso ya Yesu Kristo, kugira ngo yeze ubuzima yari gushobora kwiyerekaniramwo.
Intumwa yacu uyu munsi ifise ivyemezo vy’Ivyanditswe Vyayo hagati muri twebwe. Ni Mpwemu yera, Ubwayo, yitunganiriza insobanuro yayo bwite. Ntibikenewe kuva kuri uyu tuja kuri uriya kugira ngo turonke ukuri canke insobanuro; Mpwemu Yera yarahaye Ishengero Ryayo Abanyefeso 4, vyose mu muntu umwe, Umuhanuzi Wayo yagaragajwe.
Umuhanuzi: Intumwa bisigura” Uwarungitswe,” canke, “ Umumisiyonari.” Ndi umu Misiyonari.
Umuhanuzi: uranyizera ko ndi Umuhanuzi w’Imana?
Umuvugabutumwa: “ Kora igikorwa c’ Umuvugabutumwa. Shitsa icemezo cuzuye c’Ibango ryawe. Igihe kizoza aho batazohangana n’Ijwi ry’Inyigisho.”
Umwungere: Wanyise,” Mwungere wanyu”; kandi muvuga vyo,kuko ari ko ndi.
Umwigisha: Nshaka kuvuga kuvyerekeye Ijambo, canke kwigisha iki cigwa c’ishure ryo kuw’iyinga, kw’Ijambo ry’Ikimenyetso.
Bingana= Ndabazi, beneData, munyitezeko kuba icishimikizo ntanyiganyizwa .. mu gihe nigana Imana, nk’uko Paulo yavuze mu vyanditswe ati,” Munyigane, nk’uko nigana Kristo.’’

Ubu Butumwa ni icishimikizo ntanyiganyizwa cacu. Kubw’ivyo tumwigana nk’uko yigana Kristo.

Nsishatse kuvuga yuko hariho Imana nyinshi twokwita abagabo b’abanyefeso 4 bahawe amabango maze bagahamagarwa n’Imana gushitsa ibi bikorwa, kubw’ UBUNTU Bwiwe, ndi Umwe muri Bo. Ariko turi bato, Umumarayika w’ Indwi Muhanuzi W’Imana niwe MUKURU.

Kubari kw’isi yose bita” Branham Tabernacle’’ Ishengero ryo muhira’’ ryabo. Umwungere wacu, Ibango ryacu rizima, Icishimikizo cacu ntanyiganyizwa, abanyefeso 4 bose bari kuri Bande. Turizera ko ari igikorwa c’inkomoko yari afise igihe yari hano kw’ isi.

Mbega amahoro, uburuhukiro, ntaco twigera twinona canke ngo tugire ikibazo, canke uruhagarara igihe turiko turumviriza Ijambo. Ryaremejwe, Ijambo ry’Imana Ryagaragajwe, manu nshasha buri gihe turayumviriza kandi ico dutegerezwa gukora gusa ni ukwicara maze tukahimbagwa igihe imitima yacu ididagirizwa muri twebwe mu gihe avugana natwe buri gihe.

‘’Kandi abo Data yampaye bose bazoza. Intama zanje, Inuma zanje zumva Ijwi Ryanje uwo zitazi ntizomukurikira.” None Ijwi ry’Imana ni irihe? Ni Ijambo ry’ Imana. Ijwi ry’ umuntu wese n’iki Kiretse Ijambo ryayo? Ni Ijambo ry’Imana; bazokwumviriza Ijambo ry’Imana

Kandi haracariho BENSHI kubwo Ishengero ryiwe si gusa kumenya iki gihe n’ubutumwa bwaco, Ijambo ry’iki gihe, ariko umunezero uhambaye watanzwe ku muntu warashikijwe. TURI Igice C’Impwemu Yiwe, turi igice c’Umubiri Wiwe; akara ko mu mara Yiwe, igufa ryo mu magufa Yiwe;
Ijambo ry’ Ijambo ryiwe, ubuzima bw’ubuzima bwiwe, TURI UMUGENI WA KRISTO!

Imana ishimwe!! Izina ry’Umwami rihabwe icubahiro!! Haleluya!! Umugeni wiwe yaritahuye kandi ariko aritegura kubwo Ijambo ryayo.

Nico Ishengero ririko rirakora uyu musi, kuko Yesu ni Ijambo kandi ni Umukwe kandi Umugeni ni igice c’umukwe. Kubw’ivyo Ijambo ritegerezwa gushitswa iki gihe, nica gice nyene c’Ijambo ryashikijwe mu gihe ciwe, kandi nirya Jambo nyene, kwa kugiriranira imigenderanire nyene, bwa buzima nyene.

Ni muze hanyuma tugiriranire imigenderanire n’Ijambo muri kwa kugiriranira imigenderanire nyene, bwa buzima nyene kuri uyu w’Iyinga isaha umunani z’umuhingamo isaha y’i Jeffersonville maze twumvirize: *Urubuto ntiruzoraganwa n’igishishwa 65-0429 B. *
Mwenedata Joseph Branham

Ivyanditswe vyo gusoma :

Matayo 1:18-20/24:24
Luka 17:30
Yohana 5:24
Ab’I Galatiya 4:27-31
Itanguriro 2:15
Yesaya 9:6
Malaki 4

21-0808 Mbega Imana Irahindura Ivyiyumviro VyaYo

Ubutumwa: 65-0427 Mbega Imana Irahindura Ivyiyumviro VyaYo

Kuvoma Ubutumwa

Ibimenyeshejwe Ibimenyeshejwe ku bijanye n’ugusobanura mu zindi ndimi bikorerwa muri Branham Tabernacle

INKUKUMA ZIRAKORANIRA HAMWE

Mukunzi Mugeni Bugombe Butunganye,

Ewe Mana Mukunzi, ntidushaka ubugombe bwaWe bwo gupfa kwemera, Data. Reka Tugendere mu bugombe bwaWe butunganye. Ntidufate gusa—gusa Ijambo ng’aha na hariya, maze tuRijanishe n’ivyizerwa canke nemera, canke ikintu kinaka. Reka Dufate Ijambo nk’ukwo Riri, twizeye Ubutumwa Bwiza bwose, ivyo Yesu Yatwigishije vyose gukora.

Ico nico cipfuzo cacu gihambaye kandi c’ibwina, kuba mu bugombe bw’Imana butunganye. Ntitwigere na rimwe tuMubabaza, ariko tuMuhimbare mu vyo tuvuga no muvyo dukora vyose. Dushaka kuba mu bagizwe abahungu n’abakobwa biWe kandi bagaragaye.

Ni hehe tubona ukuntu tuba mu bugombe bwiWe butunganye kandi tukaMuhimbara? Dutegerezwa kuja kw’Ijambo ryiWe, kuko turazi ko Ijambo ryiWe ari ukuri n’ubugingo. Ijambo ryiWe Ryama ari rya rindi, integuro yiWe yama ari yayindi, kuko Ntashobora guhinduka.

Ijambo Ritubwira, uburyo Yakoze ibintu ubwa mbere, Azokwama Akora co kimwe. Ategerezwa kuguma Ari Wawundi ibihe vyose. Intumbero yiWe yamye ari yayindi. Ibikorwa vyiWe vyamye ari vya bindi. Uburyo Akora ibintu, uburyo Akiza abantu, uburyo Arongora abantu biWe, Azoguma iminsi yose ari Wawundi.

Bibiliya Itubwira mw’Ijambo ryiWe Ridahinduka ko Ijambo ry’Uhoraho Riza ku bahanuzi biWe bonyene. Ntiyigeze Arihishurira abakuru b’amadini canke umunyatewolojiya, ku bahanuzi biWe gusa. Yavuze kandi ko Atakoze ikintu na kimwe Atabanje kucereka abahanuzi biWe.

Umuntu yamye ashaka uburyo bwo gukora kw’abantu, umugwi w’abantu bo kubarongora. Ariko ivyo ntivyigeze biba inzira y’Imana, Yamye Arungika umurongozi yahamagawe n’Imana, umuhanuzi yagenywe hamwe n’Ijambo ryo kurongora ihanga ryiWe. Uwo muhanuzi yagaragazwa kandi yatorwa kugira ngo abe umurongozi wabo w’ico gihe.

Imana Yatoye kandi Yashize mu kibanza abarongozi benshi bandi bagenywe buzuye Mpwemu Yera; kandi bafise ahantu habo, ariko Yagabishije abo barongozi Ati, “mugume kure y’Inkingi y’Umuriro.” Ni igiki iyo Nkingi y’Umuriro ikora… IRONGORA IRYO HANGA UMURANGO N’IJORO. Rero Ijambo Ritubwira Riti, “Nk’ukwo vyari bimeze mu minsi ya Sodomu, niko bizomera mu minsi y’aho Umwana w’umuntu Azohishurirwa.” Bijanye n’Ijambo ryiWe muri Malaki 4, n’Ivyanditswe vyinshi, Ategerezwa kugaruka mw’Ishengero ryiWe mw’ishusho y’umubiri, mu bantu, mu biremwa muntu, mu buryo bwo kuba umuhanuzi.

Tuzomenya gute uyu muhanuzi ? Azokwemeza uwo ari we biciye mw’Ijambo. Azomenya amabanga nyene ari mu mitima. Azohishurira abantu Ijambo Ryose. Azogaragazwa n’Inkingi y’Umuriro kugira ngo Arongore Umugeni. Imana Izoba Inafise ifoto yaYo yafashwe Iri kumwe n’umuhanuzi waYo.

Bamwe bazoba nka Yohana ku kizinga ca Patimo maze bagerageze kumusenga, ariko azovuga ati, “Raba ntubikore, kuko ndi umugurano mugenzawe, kandi uwo mu bavugishwa n’Imana, asenga Imana.” Umugeni azomenya ko atari kumusenga uwo muntu, kiretse gusenga Imana MURI URYA MUNTU.

Tuzomenya ko ariwe Imana Yahisemwo kuvuga Ijambo ry’ukutihenda. Azomenya ko yari irya ntumwa mumarayika ndwi yatowe n’Imana. Isi izobona kandi izokwumva Ijwi ry’Imana Rivugira muri We kandi izobona Adamu wa mbere yashumbushijwe umurava.

Azorongora Umugeni n’Inkingi y’Umuriro. Azokura aya makuru muri Logos maze ayahe Umugeni ari mu nzira yiwe ija mu Gihugu casezeranywe. Umugeni Azoronka uguhishura kandi Azomenya iyi ntumwa Imana Yateguye. Iyi ni inzira Imana Yateguye. Ubu ni UBUGOMBE BUTUNGANYE bw’Imana.

Muze dufatanye kuw’iyinga isaha umunani, isaha y’I Jeffersonville, maze twumvirize : Imana Irahindura Ivyiyumviro vyaYo? Ubutumwa bwavuzwe kw’igenekerezo rya 27 ndamukiza umwaka wa 1965.

MweneData Joseph Branham

Icanditswe co gusoma imbere yo kwumviriza ubutumwa

Guharura 22:31

21-0801 Ukwemeza Ijambo Rya Yo

Ubutumwa: 65-0426 Ukwemeza Ijambo Rya Yo

Kuvoma Ubutumwa

Ibimenyeshejwe Ibimenyeshejwe ku bijanye n’ugusobanura mu zindi ndimi bikorerwa muri Branham Tabernacle

INKUKUMA ZIRAKORANIRA HAMWE

bakunzi Bana bashaka kwiga,
Mbega ahantu ho mw’Ijuru twari twicaye kuw’iyinga mu gihe Umugeni wa Kristo yakoraniye hamwe mu Nyonga ha Mpwemu Yera. Twashobora kuMwumva Agira mizima imibiri yacu ipfa.

Nta gusigwa guhambaye gusumba, canke ikirere gihambaye gusumba igihe Ufyonda Ukavuza maze ukwumviriza Ijwi ry’Imana Rivugana nawe. Imana Yatunganirije amatwi yacu kwumva no kwizera Ijambo ryose, kuko nta kindi atari El, Elah, Elohim, Uwibeshejeho, Uwihagije, Umunyenkomezi, Avugana n’umwe wese muri twebwe kandi Aduhishurira ko turi abahungu n’abakobwa biWe bagaragaye.

Mbega ukuntu vyari ivy’inkomezi mu gihe Urubuto rw’Imana rwatoranijwe, kw’isi yose, rwarambikanako ibiganza vyabo vyera. Ingo n’amashengero vyacu vyari vyuzuye Ukuba ng’aho kwa Mpwemu Yera. Ukwizera kwacu kwarubatswe, kuko twamenye Uwavugana natwe. Rero Yatubwiye ko zirya nkomezi zizana ubuzima zari MURI TWEBWE. Twarizeye n’imitima yacu yose n’ubugingo bwacu bwose, kuko niko Yavuze.

Rero Yatubwiye kuvuga ngo, « Mwami Imana, ndizera n’umutima wanje wose. » Twasubiyemwo Ijambo ryose kuva ibwina mu mitima yacu. Yavuze Ati, « Indwara ntishobora kwihangana mu mugwi nk’uyu. » Impwemu yacu yaranezerewe mu gihe twumva aya Majambo, kuko twamenye icariko kiraba.

Yavuze ati, « Abashaka Mpwemu Yera bose, muduze ibiganza vyanyu, AHO MURI HOSE abaMushaka… Ndizera ko Imana Ija kwuzuza Mpwemu Yera umwe wese muri mwebwe, UBU NYENE. » Uwo mwanya nyene, twarujujwe, kandi turasubira turuzuzwa Mpwemu Yera, Ijwi ry’Imana neza niko Ryavuze.

Rero kuri abo bari bakeneye ugukira mu mubiri wabo, Yavuze Ati, « Ndabategetse, mw’Izina rya Yesu Kristo guhagarara no kwemera ugukira kwanyu. » Muri uwo mwanya nyene, uwizera wese, kw’isi yose, yagize UKWIZERA kandi yizeye, YARAKIZE.

Mbega ibi vyabereye hehe ? Mu mugwi umwe mutoya w’abantu bari bakoraniye hamwe ? Oya, vyari KW’ISI YOSE mu gihe Umugeni Yicaye hamwe ahantu ho mw’Ijuru Yumviriza Ijwi ry’Imana ry’igihe cacu.

NTIBISHOBOKA ku muntu uwo ari we wese, canke umugwi w’abantu, guhuza Umugeni nka kurya. Mpwemu Yera Wenyene Ashobora gukora ivyo mu kuvugira mu ntumwa yaYo Yateguriye ico gihe. Ubu Butumwa ni NIKO UHORAHO AGIZE. Nta kwibaza, nta gucacisha. Imana Yaremeje ko iyi ari inzira yaYo yateguwe yo muri iki gihe.

Mbega uburuhukiro n’amahoro dufise. Ntidutegerezwa na rimwe kwiganyira canke gukekeranya ivyo twabwiwe. Nta na rimwe dutegerezwa gusubira kw’Ijambo kuRisuzuma, kuko twumviriza Ijambo ry’Imana Ryemejwe ry’igihe cacu. Turicara gusa, tukugurura imitima yacu, ivyiyumviro n’ubugingo vyacu, kandi tukavuga duti AMEN, AMEN, AMEN.

Oya, ntitubereye. Oya, ntidutahura ikintu cose. Ariko TWIZEYE Ijambo Ryose. Yavuze ko ico cari ikimenyetso c’ukuri ko mufise Mpwemu Yera, kandi k’Umugeni wiWe wenyene Azokwizera kandi Azogumana n’Ijambo ryose. TURI URYA MUGENI. Haleluya !

Bica hejuru y’abahambaye, abitwa abiyumvira vyimbitse, maze Akabihishurira abana biteguriye kwiga.

Ndakenguruka cane ko ndi umwana ashaka kwiga.

Yaremeje uko ibinjana vyakurikiranye Uwo Yari We mu gihe cose. Yaravyemeje mu bahanuzi baYo. Yaravyemeje igihe Yaza mu mubiri, Yakiriye ivyaha vyacu kandi Acumitwa imisumari ku musaraba, hanyuma Arazuka ubugira kandi maze Arungika Mpwemu Yera.

Ubu Yaravyemeje mu gihe cacu mu kugaruka no kwihishura ubwiWe mu mubiri w’umuntu ubugira kandi nk’ukwo Yasezeranye ko Yobikoze mw’Ijambo ryiWe. Yaremeje ubwiWe ko Ari Umwana w’umuntu, ibango ry’igikorwa ca Yesu Kristo ubwiWe, Yambaye umubiri w’umuntu.

Kandi ubu, igice ciWe ca nyuma, impamvu nyene y’iyi nteguro ihambaye, yo kutuzira twebwe, Umugeni waYo Yashumbushijwe rwose, Yemejwe, Yagumanye n’Ijambo.

Mbega wari gukunda kuba kuri urya musozi urya munsi igihe Yesu Yabwira abantu 5000? Wari gukunda kuMubona Yemeza isi Uwo Yari We mu gutanga imikate n’amafi? Wari gukunda kuba wicaye munsi ya kurya gusigwa, wumviriza gusa Ijwi ryiWe ryirura umutima wawe n’Amajambo yiWe y’Ubugingo Budashira?

Urabishobora, namba wizeye Ubu Butumwa n’umutima wawe wose.

Muze mwicare munsi y’ukwo gusiwa ku musozi hamwe natwe kuri uyu w’iyinga isamunani, isaha y’i Jeffersonville, maze mwumvirize Imana Yemeza isi Uwo Ari We mu gihe cacu. Luka 17:30 avugana namwe kandi ababwira ko B-R-A-N-H-A-M ari Ijwi Ryanje kuri mwebwe, Ryemejwe kandi Ryatowe. Muze mumwumvirize : Ukwemeza Ijambo ryiWe, Ubutumwa bwavuzwe kw’igenekerezo rya 26 ndamukiza umwaka wa 1965.

MweneData Joseph Branham.

Ivyanditswe vyo gusoma :

Matayo : 11:4-19/28;20
Mariko : 11:22-26
Luka : 8:40-56/17:30
Yohana : 14:12
Abaheburayo 4:12-15/13:8
Malaki 4

21-0725 Ahantu ho gusengera Imana Yateguye

Ubutumwa: 65-0425 Ahantu ho gusengera Imana Yateguye

Kuvoma Ubutumwa

Ibimenyeshejwe Ibimenyeshejwe ku bijanye n’ugusobanura mu zindi ndimi bikorerwa muri Branham Tabernacle

INKUKUMA ZIRAKORANIRA HAMWE

Bakunzi Bagizwe bazima,

Ese ukuntu dukunda gukoranira hamwe buri yinga kugira ngo dukorere umunsi mukuru kuri Manu ya Mpwemu Yatanze kubw’Umugeni wiWe. Biduha inkomezi dukeneye z’urugendo rwacu. Ni Ubuzima nyene bwa Mesiya, bwagaragaye, butegura Ishengero ryiWe kubw’Izamurwa.

Inkingi y’Umuriro Yaduhamagariye gusohoka hanze, kandi Iturongorera mu Gihugu c’Isezerano, munsi y’ugusigwa kw’umuhanuzi w’inkomezi wiWe, William Marrion Branham.

MweneData Branham si Inkingi y’Umuriro. Ni umurongozi yasizwe, munsi y’Inkingi y’Umuriro. Inkingi y’Umuriro Igaragaza gusa Ubutumwa bwiwe hamwe n’ibimenyetso n’ibitangaza. Ni Mpwemu Yera wiWe Ahambaye Yagaragaye hagati muri twebwe kandi ni incuro ibihumbi gusumba abandi bahanuzi bose mbere.

Ntimushobora kubona Umwana w’umuntu, Umwana w’umuntu mw’ishusho ry’Ubutumwa bwavugishijwe, agaruka ubugira kandi mw’Ishengero ryiWe, mu buvugishwa, buhishura Yesu Kristo wawundi nyene ejo, uno munsi no mu bihe bidashira ? Ntivyari bwigere bikorwa mu bindi bihe, gushika muri kino gihe.

Ivyiyumviro vyacu vya mpwemu vyaraMutahuye. TuraMubona kandi twizeye Ijambo ryose. Ubu Butumwa, aya Mabande, ni Inzira Imana Yatanze yo gutahura kirya ciyumviro kiri hariya aho rurya rubuto rwatewe. Twarumvise rirya Jwi, n’Umuco waradukubise maze twakira Ubugingo.

Ritwicarika ahantu ho mw’Ijuru, UBU NYENE. Atari tuzoba, turi ubu. Twaramaze kuzuka, inkomezi hamwe n’ibikorwa vy’ubwenge bw’umuntu bigiye gukora. Vyatugize bazima mu Nyonga h’Imana, aho Mpwemu waYo ari. Si ivyo mugiye kuba, mwaramaze kuba. Ni umurwanizi gusa agerageza kubitwiba.

Ikibazo : Mbega mwaraje ku Bugingo ?
Inyishu : Ego
Ikibazo : Mbega Kristo Yacitse nyaWe kuri wewe ?
Inyishu : Ego
Ikibazo:Mbega Inkomezi z’Imana zaragaragajwe?
Inyishu:Ego
Ikibazo : Mbega uri muri rirya Shengero, Ishengero Imana Yatanze ?
Inyishu : Ego
Ikibazo : Umeze gute muri Ryo, uzi gute ko wagizwe muzima muri Ryo ?
Inyishu : Ivyiyumviro vyacu vyose, ukubaho kwacu kwose, biri muri Kristo. Kristo Ari hagati muri twebwe, Yemeza ubwiWe ko Ari Muzima, Yemeza ko Ari ng’aha.

Turi ubura bw’akara kiWe, n’igufa ryo mu magufa yiWe, umubiri w’umubiri wiWe, Izina ry’Izina ryiWe, Umugeni wiWe. Turi muri We. Turi umubiri wiWe n’amagufa yiWe.

Ntidushobora gupfa, twaragizwe bazima. Inkomezi zagizwe nzima zaratuzuye tuva mu buzima bw’icaha, kandi zahinduye ukubaho kwacu, zaratuzuye mu buryo butaraboneka muri Kristo Yesu, kandi, ukuzuka kuzotuzana ku kwera neza.

Twaravutse kandi twagizwe bashasha, twabatijwe na Mpwemu Yera, muri Yesu Kristo. Twagizwe bazima kw’Ijambo ryose. Tuvuga « amen » kw’Ijambo ryose.

Mu gihe dukoraniye hamwe muri Yesu Kristo, mu ciyumviro kimwe, n’inama imwe, ico dukeneye cose, namba tuzogira UKWIZERA maze tukizera, Azokiduha. Dutahure ko Azoba muri buri nzu zacu, amashengero yacu, canke aho hose dukoraniye, kuko turi abahungu n’abakobwa biWe, Ishengero Mugeni ryiWe.

Ndazi ko Ari ng’aha. Ndazi ntakekeranya ko Ari ng’aha. Ndazi ko hariho inkomezi zagizwe nzima zikwiye mw’Ishengero zo gukiza umuntu wese yicaye ng’aha.

Mbega murizeye Ubu Butumwa ? Mbega murizera ko ari Inzira y’Imana y’iki gihe ? Mbega murizera ko ari Umwana w’umuntu Yihishura ubwiWe mu mubiri w’umuntu ? Mbega murizeye Ijambo ryose ?

Namba mukeneye ugukira indwara kw’umubiri, ugukira kw’impwemu, canke IKINTU ICO ARI CO COSE mushobora kuba mukeneye, rero ndabasavye kwizera Ijwi ry’Imana ry’iki gihe cacu, ryasizwe kandi ryagaragajwe , Ijwi ry’Imana ry’igihe cacu:

Kora ku buryo ubu nyene izo nkomezi zitanga ubuzima, ziha ubuzima ukwizera kwabo, Mwami, mu vyo bariko barakora. Hariho uwizera yarambitse ibiganza vyiwe ku wizera, umubiri ku mubiri, inkomezi ku nkomezi. Kandi ni inkomezi z’Imana, z’umuhungu w’Imana canke umukobwa w’Imana, z’Umwana w’Imana. Ewe Mana, ese Satani yorekura aba bantu ! Bakire uyu muhingamo, mu nkomezi z’ukuzuka, inkomezi zitanga ubuzima z’Ukuba ng’aha kwamenyekanye, Yesu Kristo. Mw’Izina rya Yesu Kristo, bibe gutyo !

Muze dufatanirize hamwe munsi y’Ubutumwa : Ahantu ho gusengera Imana Yateguye, bwavuzwe kw’igenekerezo rya 25 ndamukiza umwaka wa 1965, kandi twakire ugukira indwara kwacu, dusigwe na Mpwemu Yera, tugire ubugingo bwacu bunezerewe mu gihe twicaye ahantu ho mw’Ijuru kandi twumviriza Umwana w’Umuntu Avuga kuri uyu w’iyinga isamunani ku muhingamo, isaha ya Jeffersonville..

MweneData Joseph Branham.

Ivyanditswe vyo gusoma imbere yo kwumviriza Ubutumwa :
Gusubira mu Vyagezwe 16 : 1-6
Malaki 4 :5
Matayo 1 :23
Mariko 16 :17
Luka 17 :30
Yohana 4 :23/10 :1-7
Abaroma 8:1-11

1 Ab’ikorinto 12:13
Abanyefeso 1:21
Abatesalonike 4:16
Abaheburayo 13:8
Ivyahishuriwe Yohana 22:19

21-0718 Ukuvayo Kwa Gatatu

Ubutumwa: 63-0630M Ukuvayo Kwa Gatatu

Kuvoma Ubutumwa

Ibimenyeshejwe Ibimenyeshejwe ku bijanye n’ugusobanura mu zindi ndimi bikorerwa muri Branham Tabernacle

INKUKUMA ZIRAKORANIRA HAMWE

Bakunzi Bahungu n’Abakobwa Bagaragajwe,
Biragoye kumenya aho twotangurira. Kwiyumvira ko twari twicaranye hamwe ahantu ho mw’Ijuru, kuva kw’isi yose, tunywa kuri Arya Mazi y’Ubuzima, ducika abahungu n’abakobw a biWe bagaragajwe. Ubu Butumwa buduha ugutahura kwuzuye, budushira mu kibanza cacu, kandi butubwira ABO TURI BO muri Kristo Yesu.
Ubu Butumwa bukora iki ?
« Kuko nabahaye umugabo, ngo ndabamushingire mumeze nk’inkumi itunganye. »
Imana Ishimwe, Imana Yarungitse intumwa mumarayika w’indwi wiWe kudushingira kuri We nk’inkumi itunganye. Tuzocirwa urubanza n’ijambo ryose YAVUZE. Ivyo bisigura ko mutegerezwa GUFYONDA MUKAVUZA.

Yanditse Bibiliya yaYo yambere mu kirere. Hanyuma Yanditse Bibiliya yaYo ya kabiri mw’ibuye. Bibiliya yaYo ya gatatu yanditswe ku rupapuro kubw’isi ihambaye, y’ubwenge bwo kwiga igiye kuza. Ariko uno munsi, umunsi w’uguhishura guhambaye, dufise Igikorwa giherahejwe caYo cuzuye kandi gitunganye, Ijwi ry’Imana nyene Rihamagarira Umugeni waYo gusohoka,biciye ku ma Mabande.

“Kandi UZOTWEREKANA ku Mwami Yesu igihe Azozira, nk’ibitsibo vy’ibango ry igikorwa CAWE.”

Kandi tuzosemerera duhuje umutima n’inama tuti,

« Ivyo turabizi ! Turaruhutse ata gukekeranya. Yavuze Ati, « UzoMutwereka, kandi rero twese tuzosubira kw’isi ubugira kandi, kubaho ibihe bidashira. » Ni nde Umugeni wa Kristo Yasemerereye kandi avuga ko yotwerekana ku Mana ? Umuhanuzi w’Imana mw’IBANGO RY’IGIKORWA CIWE. Ni gute udashaka kuvuza aya ma bande mw’ishengero ryawe ?
Ubu Butumwa bwonyene, aya mabande, ashobora gushira Ishengero muri uwo mwumvikano n’Imana, gushika aho ukugaragara k’Umukwe kugaragara muri twebwe. Namenya gute kubabwira « kugumana n’amabande, » nasubiye inyuma ku gicapo ndangamugambi kuraba ico umuhanuzi yavuze.

Nizigiye ko ubwenge bwa mpwemu bushobora kubitahura. Ndazi neza ko mwatahuye. Ariko ndibaza, hanze hariya. Ukwo bimeze kwose, ntimushobora kugendera buri gihugu. Mushobora kukirungikira amabande. Imana Izoronka uburyo bunaka bwo gufata irya mpwemu aho hanze hariya aho rurya rubuto rwatewe. Ni vyo. Kandi ako kanya Umuco urukubise, bwaciye, bufata Ubugingo. Nka wa mugore mutoya kw’iriba, yavuze ati, « Ng’ibi. » Yarabifashe.

Kuri twebwe ni ubuki mu gitandara, ni umunezero utavugwa, ni ivyizigiro bihezagiye, ni inanga y’ubugingo, ni ivyizigiro vyacu n’icicaro, ni Igitandara c’Ibihe, ni vyose.

Ivyiyumviro vyacu vya mpwemu birejejwe hose. Turazi neza na neza Uwo Ari We. Turazi neza na neza ico Ari Co. Turazi neza na neza abo turi bo. Turazi neza na neza aho tugiye. Turazi Uwo twizeye kandi tuzi neza ko Ashoboye kugumya ico twahawe kugeza kuri urya munsi.

Rero namba Imana Yaduhishuriye ko turi abaserukizi baYo, ubushobozi bwose buri mw’Ijuru, ico Imana Iri cose, Abamarayika baYo bose n’ubushobozi bwayo bwose buri inyuma y’AMAJAMBO YACU. Imana Itegerezwa kwubahiriza Ijambo ryaYo, kuko Yavuze Iti, “Ico muzohambira cose mw’isi, kizoba gihambiriwe mw’Ijuru. Ico muzobohora mw’isi, kizoba kibohowe mw’Ijuru. Kandi ndabahaye imfunguruzo z’Ubwami.

Ni igihe co kuja Muhira. Ukuvayo kuregereje. Imana Iriko Iratwereka Abantu abo ari bo. Umugeni wa Yesu Kristo azovayo ajanwe mu Gihugu Casezeranywe.

Mu Kuvayo kwaYo kwa mbere, Yabakuye mu gihugu gisanzwe, baja mu gihugu gisanzwe. Ukuvayo kwa kabiri, Yabakuye ahantu ha mpwemu, binjira mu mubatizo wa mpwemu, wa Mpwemu Yera. Ubu Idukura mu mubatizo wa mpwemu wa Mpwemu Yera, Idusubiza mu Bihe Bidashira, biciye mu Nkingi y’Umuriro imwe, biciye mu buryo bwo gukora bumwe busizwe, Imana Imwe Ikora ibintu bimwe!

Imiyaga ivuze induru. Ibihuhusi bijugumire, turi mu mutekano ibihe vyose. Turuhukiye hariya kw’Ijambo ryose.

Muze twifatanye kuw’iyinga isamunani ku muhingamo kw’isaha y’i Jeffersonville, maze turuhukire kw’Ijambo ryose Imana Yavuze kubw’igihe cacu. Twitegurire ukuza kwaYo kwa vuba maze twumvirize : Ukuvayo kwa Gatatu, Ubutumwa bwavuzwe mu gitondo kw’igenekerezo rya 30 ukwezi kwa ruheshi umwaka wa 1963.

MweneData Joseph Branham.

Ivyanditswe vyo gusoma imbere yo kwumviriza Ubutumwa :

Kuvayo 3:1-12
Itanguriro Igice ca 37
Itanguriro Igice ca 43

21-0711 Kugirwa Abana bImana #4

Ubutumwa: 60-0522e Kugirwa Abana bImana #4

Kuvoma Ubutumwa

Ibimenyeshejwe Ibimenyeshejwe ku bijanye n’ugusobanura mu zindi ndimi bikorerwa muri Branham Tabernacle

INKUKUMA ZIRAKORANIRA HAMWE

Bakunzi Nkukuma,
Muze dukoranire hamwe kugira ngo twumvirize Ubutumwa *Kugirwa Abana b’Imana #4 *
Bwavuzwe igenekerezo rya 22/05/1960 kumugoroba, kuri uyu w’Imana, isaha umunani kw’isaha ya Jeffersonville.

MweneData Joseph Branham

Ivyanditswe vyo gusoma imbere yo kumviriza Ubutumwa:

Abanyefeso1:8-22/2:1/4:30
Abaheburayo7:1-30
Itanguriro14:18-24
Matayo26:26-29
Yohana17:17
Ab’I Galatiya1:8
Yobu38

21-0704 Kugirwa Abana bImana 3

Ubutumwa: 60-0522m Kugirwa Abana bImana 3

Kuvoma Ubutumwa

Ibimenyeshejwe Ibimenyeshejwe ku bijanye n’ugusobanura mu zindi ndimi bikorerwa muri Branham Tabernacle

INKUKUMA ZIRAKORANIRA HAMWE

Bakunzi Nkukuma,
Muze dukoranire hamwe kuri uyu w’Imana kugira ngo twumvirize Ubutumwa KUGIRWA ABANA B’IMANA #3 bwavuze kw’igenekerezo 60-0522 Isaha umunani kw’isaha ya Jeffersonville

MweneData Joseph Branham

Ivyanditswe vyo gusoma imbere yo kwumviriza ubutumwa :

Matayo 28:19
Yohana 17:7-19
Ivyakozwe n’Intumwa 9:1-6, Igice 18 hamwe na 19
Abaroma 8:14-19
1 Ab’i Korinto 12 :12-13
Ab’I Galatiya 1 :8-18
Abanyefeso 1
Abaheburayo 6:4-6, 9:11-12

21-0627 Kugirwa Abana bImana 2

Ubutumwa: 60-0518 Kugirwa Abana bImana 2

Kuvoma Ubutumwa

Ibimenyeshejwe Ibimenyeshejwe ku bijanye n’ugusobanura mu zindi ndimi bikorerwa muri Branham Tabernacle

INKUKUMA ZIRAKORANIRA HAMWE

Bakunzi Nkukuma,
Muze dukoranire hamwe kuri uyu w’Imana kugira ngo twumvirize Ubutumwa KUGIRWA ABANA B’IMANA #2 bwavuze kw’igenekerezo 60-0518 Isaha umunani kw’isaha ya Jeffersonville

MweneData Joseph Branham

Ivyanditswe vyo gusoma imbere yo kwumviriza ubutumwa :

Itanguriro 1 :26
Abanyefeso 1
Abaroma 8 :19
Ab’I Galatiya 1:6-9
Abaheburayo 6
Yohana 1:17

21-0620 kugirwa Abana bImana

Ubutumwa: 60-0515e kugirwa Abana bImana

Kuvoma Ubutumwa

Ibimenyeshejwe Ibimenyeshejwe ku bijanye n’ugusobanura mu zindi ndimi bikorerwa muri Branham Tabernacle

INKUKUMA ZIRAKORANIRA HAMWE

Bakunzi Nkukuma,

Muze dukoranire hamwe kugira ngo twumvirize Ubutumwa * Kugirwa Abana b’Imana”#1, bwavuzwe igenekerezo rya 15 Rusama umwaka w’1960* kuri uyu w ‘Imana,isaha umunani kw’isaha ya Jeffersonville.
MweneData Joseph Branham

Ivyanditswe vyo gusoma imbere yo kumviriza Ubutumwa ni:

Yoweli 2:28
Abanyefeso 1:1-5
1 Ab’I Korinto 12:13
1Petero 1: 20
Ivyahishuriwe Yohana 17: 8
Ivyahishuriwe Yohana 13

21-0613 Umwami Yanswe

Ubutumwa: 60-0515m Umwami Yanswe

Kuvoma Ubutumwa

Ibimenyeshejwe Ibimenyeshejwe ku bijanye n’ugusobanura mu zindi ndimi bikorerwa muri Branham Tabernacle

Inkukuma Zirakoranira Hamwe

IKETE RIVUYE KWA MWENEDATA JOSEPH BRANHAM

Bagenzi nkunda b’agaciro, bakundwa, bakunzi b’Ubutumwa Bwiza, abana bavyawe kubw’Imana,

Ndakenguruka cane ko twumviriza umwungere wacu. Turi intama abereye umwungere. Turi ishengero ryiwe. Aya mabande yafashwe kandi yabikiwe twebwe. Turi abagenzi b’intumwa mumarayika wiWe w’indwi, n’abakundwa bakunzi b’Ubutumwa Bwiza. Turi abana biwe bavyawe kubw’Imana.

Umunsi umwe ubu butumwa bwaramuritse imbere yacu kandi twumvise Yesu Kristo Wawundi ejo, uno munsi no mu bihe bidashira. Vyahagije ukuryoherwa kwacu, kandi twagize inzara ya vyinshi. Ubu Butumwa, Ijambo ryiWe, Ijwi ryiWe, ni Umwami Yesu Kristo. Ni Bwo Bwonyene dukeneye, Bwonyene dushaka, Bwonyene dufise.

Namba uguhishurirwa ukwo ari kwo kwose kwerekanywe kuri twebwe kunyuranye n’Ijambo Ryanditse, ntituzokwigera tukwakira, kuko ni ivyo neza na neza Satani yakoreye Eva. Yari afise Ijambo, ariko yarondera umuco munaka mushasha, kandi Satani yabonye ko ategerezwa kuwuronka. Ntitwigere twifuza kwongera ikintu ico ari co cose kw’Ijambo ; ariko kuRireka gusa ukwo Rimeze. Gumana gusa n’Ijambo, kuko ico ari co cose kinyuranye ni ukutizera. Dutegerezwa KUGUMANA N’IBANGO RY’AMABANDE.

“Sinigeze nigisha ico ari co cose, mu muzima bwanje, cantera isoni. Sinzokura ku rubuga ibande n’imwe canke ivyafashwe mw’ijwi. Nzogumana ivyo Mpwemu Yera Avuga. Mbaho canke mpfa.” Singerageza kuvuga ibinyerekeye jewe ubwanje ubu. Ariko ngerageza gusa kubahereza ishusho y’ibiriko biraba, ku buryo muzobona kandi mutahure. Ni abantu bashaka kurongorwa n’umuntu.

Amabande ni yo Mpwemu Yera Avuga ko arongora Umugeni wiWe. Tubeshwaho n’Ijambo ryose kandi tuzopfa kubw’Ijambo ryose kuko Ni Ukwo Niko Uhoraho Avuze. Tuzokimbukira Ijambo ry’Imana naho vyosaba ikintu cose kiri mu buzima bwacu; tuzogumana n’Ijambo.

Ibande yose twumviriza itwegereza kuri We kandi iduhishurira vyinshi vy’Ijambo ryiWe. Iminsi yose ni ivyo dukeneye gusa vy’uwo munsi. Ntidushaka umuhungu wa Kish wo kuturongora, dushaka inzira yatanzwe n’Imana : umuhanuzi waYo.

Isengesho ryacu ni, “Ewe Mana dufashe ntituzokwigere tugiranira imyumvikano n’Ijambo rimwe. Tugume neza dutumbereye kuri rirya Jambo, kandi tuRibemwo. Ntiturazwa ishinga n’ibiza canke bigenda, ivyo uwo ari we wese wundi avuga canke akora, tugumane n’Ijambo ryaWe.”

Intambara zigenda zirushiriza gukomera buri munsi. Satani yakajije ibitero nk’ukwo bitigeze mbere. Arazi ko igihe ciwe kiri kw’iherezo, iminsi yiwe ubu iraharuwe. Isi iri munsi y’ububasha bwiwe, kubw’ivyo arwanya Umugeni.
Rimwe na rimwe intambara igenda ikomera. Turarambiwe cane kandi turarushe kandi dusemerera tuti :

Nkumbuye muhira, agasibe, kandi ni Yesu nshaka kubona;
Ndipfuza kwumva inkengeri z’ahantu hatekanye ijwi ryazo ritekereje ;
Vyomurika inzira yanje kandi, vyozimanganya ubwoba bwose;
Mwami, reka ndabe ivyarangiye hakurya y’igihuzu c’igihe.

Data Arazi ko tworambiwe kandi tworushe neza nk’umuhanuzi wiWe. Kubw’ivyo kare igitondo kimwe Yakanguye umusavyi wiWe, kugira ngo amutere intege. Yaramwemereye araraba kandi aja Hakurya y’Igihuzu c’Igihe.

Hanyuma Yaramurungitse aragaruka kutubwira ukwo bigiye kumera. Nta shari ryari rihari. Nta kuruha kwari kuhari. Nta rupfu canke indwara vyari bihari Hariya. Ugupfa ntikwoshobora na rimwe kudusazisha ubugira kandi. Vyari birenze ugutungana.

Rero Umugeni Yaramuduganye maze Amushira hejuru mu kibanza gihambaye kininiya kandi Yasemerera Avuga Ati :

“Turazi ko tuzojana nawe, umunsi umwe, dusubire kw’isi.” Bavuze bati, “Yesu Azoza, kandi uzocirwa urubanza bijanye n’Ijambo watwigishije. Hanyuma rero ni wemerwa ico gihe, ari vyo bizoba,” kandi bavuze bati, “rero uzotwerekana kuri We, nk’ibikombe vy’ibango ryawe.”

Kubw’ivyo, igihe Umugeni Azogaruka kw’isi, tuzogarukana na we, umuhanuzi w’Imana, kandi AZOTWEREKANA KURI “WE” NK’IBIKOMBE VY’IBANGO RYIWE. Kubw’ivyo, dutegerezwa kugumana n’ibango ry’amabande.
Nibaza ko ari ivy’ingira kamaro rwose kwinjiza ng’aha ivyo twahejeje kwumva umuhanuzi avuga haraheze amayinga makeya :

Izi bande zija gusa… Mbwira ikoraniro ryanje, mweneData. Sinjejwe ico Imana Iguha kuragira; Njejwe ubwoko bw’Imfungurwa ngaburira aba bantu. Ibi ni ivy’iri shengero ryonyene. Murabona? Rero, namba abantu bashaka kwumviriza amabande, birabaraba. Ariko mbwira abo Imana Yampaye.

Iyo ni yo mpamvu tugumana n’amabande. Iyo ni yo mpamvu tuvuga ko William Marrion Branham ari umwungere wacu. Iyo ni yo mpamvu tuvuga ko turi ikoraniro ryiwe. Turi abo Imana Yamuhaye. Ego, turi UMWE MURI BO, IMANA ISHIMWE.

Namba wokwipfuza kuba igice c’ikoraniro ryiwe, FYONDA UVUZE. Namba wokwipfuza kwumviriza amabande hamwe natwe, turagutumiye kuza gufatanya natwe kuw’iyinga isamunani ku muhingamo, isaha ya Jeffersonville, igihe tuzofatanya n’abandi bizera bo kw’isi yose kandi twumviriza : Umwami Yanswe, Ubutumwa bwavuzwe mu gitondo kw’igenekerezo rya 15 ukwezi kwa rusama umwaka wa 1960.
MweneData Joseph Branham.

P.S. Narasenze kugira ngo menye ivyo Data Yokwipfuza ko twumviriza mu nyuma. Numva Andongora kuvuza “Urukurikirane rw’Ubutumwa Kugirwa Samuragwa.” Natanguye gusenga kandi ndondera ubugombe bwiWe. Igihe naheza gusenga, narahagurutse, nuguruye Bibiliya gutyo gusa maze ntangura gusoma, hari mu b’i Galatiya 4:1-7. Data Yanyemeje kandi yishuye amasengesho yanje ubugira kandi.

Jewe n’abakozi ba VGR tuzoba twafashe umwanya wo kuruhuka mu mayinga atatu aza. Mu gihe c’akaruhuko, nzobarungikira gusa ikete rigufiya ry’icemezo c’ubutumwa tuzokwumviriza.
Ndasavye muzonyibuke twe n’abakozi ba VGR mu masengesho yanyu.

Ivyanditswe vyo gusoma imbere yo kwumviriza ubutumwa :
1 Samweli igice ca 8
Uwera Mariko 16:15-18