All posts by admin5

22-0710 Ubwoko Butatu Bw Abizera

Ubutumwa: 63-1124E Ubwoko Butatu Bw Abizera

Kuvoma Ubutumwa

Ibimenyeshejwe Ibimenyeshejwe ku bijanye n’ugusobanura mu zindi ndimi bikorerwa muri Branham Tabernacle

Vyiyumvire gusa, Ya Mana, Yaremye ibintu vyose Ikabishira mu rutonde, Yaramanutse maze Yiha umubiri muri twebwe, kugira ngo Iducungure. Kandi rero Yotwubahirije cane n’ukuba ng’aha kwaYo kw’icubahiro, ku buryo Yobaye ng’aha kuri iyi si y’ikinyavyaha mu minsi ya nyuma, kandi Yemeje ko Ijambo ryaYo ari Ryo, kuko Yari Ifise inshingano kuri Iryo Jambo.

Mpwemu Yera Yagize Rizima Iryo Jambo kuri twebwe. Ryacitse Rizima. Kubw’ukwizera turabibona. Turazi yuko ariko biri, kuko Ijambo ari ko Ryavuze, kandi Mpwemu Yagize Rizima Iryo Jambo kuri twebwe. Ubu twagizwe umwe n’Ijambo ry’Imana Ryagaragaye mu mubiri, neza nk’uko umuhanuzi yavuze ko Ryobaye.

Uwizera araRyizera, yizera (iki?) Ijambo. Si nemera; Ijambo ! Si idini; Ijambo! Si ico umuntu munaka wundi avuga; ico Ijambo Rivuga! Rero, mwibuke, uwo ni uwizera. Uwizera ntabaza ibibazo. Uwizera ntavuga ati, “Bishoboka gute? Iyo mba nshobora kuRironka Risiguwe!” Uwo ni uwutizera. Uh-huh. Ni uwizera, yuko, uko Rimeze kwose, “Namba ari Ijambo, Ni Ijambo! Uko ni Ukuri.”

Utegerezwa kwizera agace kwose k’ijambo n’inyuguti yose, n’ikintu cose cavuzweMwo. Gutegerezwa kuba ukuri. Namba uvuze uti, “Sinizera ivyo. Bimwe n’ivy’Imana, bimwe n’ivy’umuntu, bimwe muri vyo n’inkuru z’uguhiga gusa.” Yemwe, rero uri uwutizera. Uwizera ntabaza ibibazo. Uwizera araRyizera, ataravye uko vyumvikana canke ico uwo ari we wese ategerezwa kuRivugako, ukuntu Risa n’iRidashoboka, TURARYIZERA!

Umuntu wese ari ng’aha, hano, umuntu wese yumviriza iyi bande; kandi naho umunsi umwe ntegerezwa kuva muri iyi si, aya mabande azoguma ariho. Ivyo ni vyo. Murabona ? Kandi uri muri umwe muri iyi migwi. Utegerezwa kuba muri umwe muri yo.

Tubayeho mu minsi ya nyuma kandi utegerezwa kuraba ku buzima bwawe kandi ukaraba mugwi w’abantu urimwo uwo ari wo. Mbega uvuga uti, “Ndizera ko Imana Yarungitse umuhanuzi yagaragajwe n’Inkingi y’Umuriro?” Yatubwiye kwizera Ijambo Ryose. Kuvuga NEZA NA NEZA ibiri ku mabande no kudahindura Ijambo na Rimwe. Tuzocirwa urubanza n’ivyo YAVUZE, atari ivyo umuntu munaka yavuze ko yavuze, canke ico umuntu munaka avuga ko yashatse kuvuga, ariko n’ivyo amabande avuga.

Canke, ugiye kujana na Kora na Datani, kandi bo bavuga bati, “Si we muntu yera wenyene. Abandi bantu bahamagariwe gukora ibi bintu yakoze. Mushimikira cane rwose ku muhanuzi w’Imana. Mpwemu Yera Araturongora ubu. Iki ni igihe gitandukanye”.

Raba, muri muri umwe muri iyo migwi. Uko mumeze ubu nyene, uko ubwenge bwanyu bumeze ubu, yuko, mwebwe ng’aha muri iri koraniro riboneka, na mwebwe muzoba muri mw’ikoraniro ritaboneka ry’iyi bande, uko ubwenge bwawe buzoba bumeze umaze kwumviriza iyi bande, bikwemeza umugwi urimwo. Bikubwira neza na neza aho uri, namba uri uwizera Ijambo kandi uzogumana na Ryo, namba uzosohoka, canke uzimya iyo bande.

Izina ry’Umwami Rishimwe, turi ABIZERA b’inkomoko, atari umuntu munaka yemejwe n’uwundi muntu munaka; atari n’ikindi kintu kinaka, ariko Mpwemu Yera Yaduhishuriye Ijambo ubwaRyo. Tubona Ijambo Rishizwe ahabona, Ryemejwe kandi Rigaragajwe.

Dushirwa ku gipimo hamwe n’ibigeragezo, amabarabara y’umukungugu, n’izuba ryaka cane ry’uguhamwa, ariko ubwizigirwa bw’imitima yacu bukubika ivyo bikoresho vy’Ijambo. Ubu turiteguye kwinjira muri iyo foroma. Turi abana b’Imana, twakozwe neza kw’ Jambo raYo. Turi uburorero buzima, kandi Ijambo ry’Imana Riba muri twebwe. Ibigeragezo biza kutunyiganyiza, kudushira hasi rwose, kugira ngo tubone aho turi. Ariko ntidushobora kunyiganyiga, duhagaze kw’Ijambo Ryose.

Umviriza mu gihe Akubwira uwo uri we.

Nuko mwibuke gusa ko igice cose canyu cari hano, igihe Imana Yavuga ngo isi ibeho. Yashize umubiri wawe hano neza ico gihe. Kandi ntakindi kintu gishobora kuwutwara atari Imana.

Nta na kimwe gishobora kuBigukurako. Nta n’umwe ashobora gutwara ikibanza cawe naho woba mutoya gute. Uvuga uti, “Ndi umugore wo mu hira gusa.” Nta n’umwe ashobora gutwara ikibanza cawe! Imana, mu butunzi bwaYo buhambaye, Yashize Umubiri wa Kristo mu rutonde, gushika aho ata n’umwe ashobora gutwara ikibanza cawe.

Imana Ishimwe… Haleluya… Kwumviriza Imfungurwa z’Imana Zabitswe bigenda nyene birushiriza kuba IBIHAMBAYE. Uko turushiriza kwumviriza Imana Ivugira mu ntumwa yaYo Yatoranije itubwira abo turi bo, ni ko Ukwizera kwacu kurushiriza kuba kuniniya. Umunezero utagira agasembwa wo kumenya ko :
• Turi “ABIZERA B’INKOMOKO”
• Turi “UMWE MURI BO”
• Turi “UMUGENI”

Ndipfuza KUBATUMIRIRA GUFYONDA MUKAVUZA hamwe na nje, Branham Tabernacle, n’igice c’Umugeni wo kw’isi yose isasita, kw’isaha y’i Jeffersonville (isaha icuumi na zibiri ku mugoroba kw’isaha y’i Burundi), mu gihe tuzoba dukoranye kuva mu Buseruko, Uburengero, Uburaruko n’Ubumanuko kwumviriza : Ubwoko Butatu bw’Abizera, Ubutumwa bwavuzwe kw’igenekerezo rya 24 munyonyo ku mugoroba, umwaka wa 1963. Ibi ni vyo Mpwemu Yera Aturongorera gukora. Uyu ni umugambi w’Imana.

• Fyonda Uvuze : Ibande iyo ari yo yose Imana Igushize ku mutima.
• Fyonda Uvuze : Wumvirize igihe ico ari co cose uhisemwo.
• FYONDA UVUZE : Ni bwo ubutumwa bwanje kuri mwebwe.

MweneData Joseph Branham.

Ivyanditswe vyo gusoma :
Yohana 6:60-71.

22-0703 None Yesu Yitwa Kristo We Ndamugire Nte?

Ubutumwa: 63-1124M None Yesu Yitwa Kristo We Ndamugire Nte?

Kuvoma Ubutumwa

Ibimenyeshejwe Ibimenyeshejwe ku bijanye n’ugusobanura mu zindi ndimi bikorerwa muri Branham Tabernacle

Bakunzi Nkukuma
Ni muze dukoranire hamwe hanyuma twumvirize ubutumwa bwavuzwe itariki 24/11/1963mu gitondo- None Yesu Yitwa Kristo We NdaMugire Nte ? kuri uyu w’iyinga isaha zitandatu kw’isaha ya jeffersonville (isaha cumi na zibiri zo ku mugoroba kw’isaha yo mu Burundi)

MweneData Joseph Branham.

22-0529 Ukwizera Gushitse

Ubutumwa: 63-0825E Ukwizera Gushitse

Kuvoma Ubutumwa

Ibimenyeshejwe Ibimenyeshejwe ku bijanye n’ugusobanura mu zindi ndimi bikorerwa muri Branham Tabernacle

Mukunzi Mugeni w’Ukwizera Gushitse,

Ubugira kandi, mbona ko bidashoboka gushira mu majambo ico ubu Butumwa, amakete y’Urukundo y’umwihariko y’Imana, yanditswe n’Amaraso yiWe, yavuzwe n’Ijwi ryiWe, Busigura kuri twebwe. Ikindi kintu cose ntaco kivuze. TuraMukunda kuva ibwina mu mutima wacu kandi Vyaduhaye Urukundo Rushitse rwaYo. Nta na kimwe gishobora kudukura kuri iryo Jambo. Nta kundi kunyurwa mu buzima bwacu nko kuMwumviriza Avugana natwe nk’Umugenzi ku mugenzi.

Nta n’ubwo ari twebwe, ni We Aba muri twebwe, Yihamagara ubwaYo. Ni ubwina buhamagara ubundi bwina. Umunezero mwinshi wo gufyonda tukavuza no kwumviriza Imana Ikoresha ijwi ry’umuntu mu kutubwira, ko turi abatoranijwe baYo. Itubwira ko Idukunda imbere y’itanguriro y’isi; kuko Yamenye ko twoYikunze hamwe n’ivyari muri twebwe vyose, kandi ko twogumye turi abizigirwa kuri Yo no kw’Ijambo ryaYo.

Ico twakeneye cose, Yarakiduhaye. Nta na kimwe kibuze. Yari Ifise Ijambo ryaYo ryanditswe mw’ishusho ry’inyuguti kandi YaraRizigamye imyaka ibihumbi ku buryo Yashobora kutubwira Urukundo rwose rwari mu mutima waYo.

Hanyuma urukundo rwaYo rwabaye n’uruhambaye birushirije kuri twebwe mu gihe Yatubwiye Iti, “Nzoza mu mubiri ubugira kandi maze Mvugane namwe umunwa ku gutwi ku buryo hatazoba ukudatahura, uruzazane, ugukenera insiguro. Nzofata umwanya waNje maze Ngaragaze Urukundo rwaNje kuri mwebwe, kandi muzoshobora kurwumva musubire murwumve mwongere murwumve ubugira kandi. Nshaka ko mumenya, ko Data Ari muri Jewe, Ndi muri mwebwe, muri muri Jewe, turi UMWE. Umubiri wanyu ni Umubiri wanje, igufa ryanyu ni Igufa ryaNje, impwemu yanyu ni Mpwemu YaNje.

Nzobabwira ibiri mu mutima waNje vyose ido n’ido. Nzobigaragaza neza ku buryo muzomenya ata gukekeranya, ko Amajambo Nanditse kandi Navuze ari Ayanyu, kandi Ntazokwigera Atsindwa.

Nzobaha Ukwizera Gushitse, kandi Kuzoba Umutware w’ibishika vyose. Ico umwansi avuga cose, Kuzokiganza mu gihe mufise Ukwizera Gushitse muvyo Ijambo Rivuga ko muri. Ico umwansi agerageza kubabwira, nta n’ubwo mumwumviriza. Amatwi yanyu yarapfuye ku kindi kintu ico ari co cose kiretse ico Mpwemu Wanje Yamaze kubabwira. Kimase mu mitima yanyu, kandi nta na kimwe kizokwigera kibatuma muva kuri ivyo.

Ukwo Kwizera Gushitse dufise mu kumenya ko ubu Butumwa ari Uko Niko Uhoraho Agize, dushira uko KWIZERA GUSHITSE nyene kw’isezerano ryose Yatubwiye ko ari iryacu mw’Ijambo ryaYo. Namba turwaye kandi dukeneye ugukira, ni iryacu. Namba dukeneye ico ari co cose, dushobora kukironka, kuko twabaye abasizwe na Mpwemu WaYo. Turi ba mesiya baYo basizwe b’igihe c’iherezo, berekana ukuzuka kwa Yesu Kristo.

Ni ikintu c’urukundo mu gihe Yisutse ubwaYo muri twebwe. Twacitse Umwe hamwe na Yo kubw’ariya Mazimano y’Ubukwe Ahambaye. Mpwemu Wayo Ari ng’aha hamwe natwe no muri twebwe. Dufise ikintu kimwe gusa co gukora, ni ukuvyizera, ni ukuvyakira.

Ntituri intumwa mumarayika w’indwi waYo, ariko turi abahungu n’abakobwa baYo. Ibiganza vyacu ni Ibiganza vyaYo. Twizeye ibivugwa kw’ibande ko ari Uko Niko Uhoraho Agize. Ni Ijambo Rizima.

Umuhanuzi waYo ni umwungere wacu. Mu gihe twumviriza Ijambo Ryafashwe kw’ibande, twizera ko ari Imana Ivugana natwe Idaciye ku ruhande. Dufise Ukwizera Gushitse kwo kuvyizera.

Mu gihe dukoraniye hamwe kw’isi yose kugira ngo twumvirize Imana Ivugana natwe mu nzira y’umuhanuzi waYo, ukwizera kwacu kurushiriza kuduga kwongera kuduga mu gihe Imana Ishira Umugeni Wayo hamwe kw’Ijambo ryaYo Ryagaragajwe.

Ejo ntuzosa n’uwundi munsi n’umwe. Tuzofata Ukwizera Gushitse Kwacu Yaduhahe kandi tuzoGushira ku co ari co cose dukeneye, kandi tuzokironka mu gihe Inkingi y’Umuriro Izovugira mu ntumwa yaYo Yatoye kandi atubwira ati :

Murazi ico nabakoreye? Mwanyise, « umwungere wanyu » ; kandi mwavuze ukuri, kuko ndi we. Namba jewe, umwungere wanyu, nashingiwe intahe na Yesu Kristo yuko nkora igikorwa ciWe, rero mwizere Ijambo Ryanje. Mu gukora iki gikorwa c’ukwizera, mu kubarambikako ibiganza, ndirukanye indwara n’imibabaro bibagora. Ni mwizere ibi, kugira ngo mwishurwe imitwaro yanyu, ukwo yoba iri kwose, kuko ibintu vyose bishobokera abizera. Kandi iyo musenga, mwizera ko mwaronse ivyo mwasavye. Kandi ndagerageza kwizera ko nabironse, kandi mu mutima wanje ndakiriye ugukira ukwo ari kwo kwose kwanyu, ndakwakiriye, ivyo vyakoretse. Ndavyizeye, ndavyizeye n’ibiri muri jewe vyose.

Twizera hamwe n’ibiri muri twebwe vyose, ko Ubu Butumwa ari Ijwi ry’Imana, Ryavuzwe, Ryafashwe kw’ibande Ryagaragajwe kandi Ryabikiwe iki gihe. Twizeye ko ico dusaba cose, tuzokironka, kuko ni UKO NIKO UHORAHO AVUZE KO ARI IVYACU.

Ni muze dufatanye ku w’iyinga isasita, kw’isaha y’i Jeffersonville (isakumi na zibiri kw’isaha y’i Burundi) kugira ngo mwakire ico mukeneye cose mu gihe twumviriza umuhanuzi w’Imana atubwira ukuntu twakira : Ukwizera Gushitse, Ubutumwa Bwavuzwe kw’igenekerezo ya 23 myandagaro ku mugoroba, umwaka wa 1963.

MweneData Joseph Branham.


Ivyanditswe vyo gusoma :

Mariko 11:22-26
Mariko 16:15-18
Yohana 14:12
Yohana 15:7
Abaheburayo 11:1
Abaheburayo 4:14
Yakobo 5:14
1Yohana 3:21

22-0515 Igihe c’Ukwegerana.n’Ikimenyetso Caco

Ubutumwa: 63-0818 Igihe c’Ukwegerana.n’Ikimenyetso Caco

Kuvoma Ubutumwa

Ibimenyeshejwe Ibimenyeshejwe ku bijanye n’ugusobanura mu zindi ndimi bikorerwa muri Branham Tabernacle

Mukunzi Mugeni NyenIcubahiro gihambaye,

Mu gihe twari twicaranye ahantu ho mw’Ijuru kw’isi yose kuw’iyinga, twumviriza Ijwi Ryonyene ry’Imana Ryagaragajwe Rivugana na twe. Nk’uko vyama, twari turindiranye igishika cinshi kwumviriza ico Yari Agiye kutubwira. Ni igiki Mpwemu Yera Yari Agiye kuduhishurira uno munsi ?

Dushobora kuba twarumvise Amajambo yiWe kenshi mbere, ariko twamenye ko urya munsi wari ugiye kuba utandukanye. Twari tugiye kwumva ikintu kinaka tutari bwigere twumva mbere. Twari tugiye kwakira n’Uguhishurirwa kwinshi gusumba uko twoshobora kwibaza. Yari Agiye kwugurura imitima yacu, ubwenge bwacu n’ubugingo bwacu, no guhishura ikintu kinaka categerezwa guhishurwa UBU, mu gihe caco gikwiriye.

Rero vyarashitse. Amajambo ahambaye kuruta ayandi Umukwe Yoshobora kuvuga no guhishurira Umugeni, « Uri ukunengesera kwuzuye kw’Ubumana mu buryo bw’umubiri, NyenIcubahiro gihambaye. Ico nari ndi cose, Nagisutse muri Kristo ; ico Kristo Yari cose, Nagisutse muri WEWE. URI Umugeni Jambo Wanje Atunganye Yatoranijwe. »

Ibitugize vyacu vyose vyasimbasimbishijwe n’umunezero. Data Yatubwiye gusa, ko turi Umugeni WiWe. Turi abo Akunda. Twanyengeterewe n’Ijambo ryiWe, kandi Ijambo ryiWe RYONYENE. Inda zacu zugawe ku kindi kintu ico ari co cose. Yararindiriye, kandi Yaradukunze… KUBWACU!!

Kandi ndabapfinde ? Ntiyigeze Arungika uwundi muntu munaka kutubwira aya Majambo, Yaraje maze Agerera mu mubiri w’umuntu ubugira kandi, ku buryo Yashobora kuvuga Adaciye ku ruhande, umunwa ku gutwi kandi ATUBWIRA Ati, “Ndagukunda, mukundwa Mugeni Wanje.”

Turakunda kuririmba, turakunda gufatanya, turakunda gukorana n’abizera, ariko ico dukunda kuruta ibindi vyose ni ukwumviriza Ijwi ry’Imana; Uko Niko Uhoraho Agize, Ivugana natwe Idaciye ku ruhande. Ubutumwa bwose ni ikete ry’urukundo ry’umwihariko KURI TWEBWE. Yashize Ijambo Ryose Yashaka kutubwira kw’ibande ku buryo twoshobora kuyumviriza twebwe ubwacu.

Agiye kuzotubwira no kuduhishurira iki kuri uyu w’iyinga mu gihe tuzoba dukoranye? Ni ikihe gihe ?

Yesaya yaratuye maze avuga ati, “Inkumi izosama kandi izotwara inda y’umuhungu”, ariko hari imyaka 700 imbere yuko ico gihe gishika. Umwami Dawidi yavuze ati, “Batoboye ibiganza n’ibirenge vyanje.” Yavuze nk’aho vyari ibiganza n’ibirenge vyiwe, ariko nticari igihe c’uko bishika,hari hasigaye imyaka 1000.

Imana Yavugiye mu muhanuzi wacu mu gihe cacu kandi Yavuze ko ibintu vyinshi bitashobora gushika imbere y’uno munsi. Turabona ibihugu n’isi vyunga ubumwe nk’uko bitigeze biba mbere. Twiyumvira ko igikomunista cari ikintu co muri kahise kandi casambuwe, ariko ubu tubona ko ari kizima rwose cane kandi ari igikoresho mu biganza vy’Imana, nk’uko yavugishijwe kandi yatubwiye ko ariko vyari bimeze.

Isi yiyumviriye ko iterabwoba ryari ryaheze, kandi ko ata gusugerezwa kw’intambara y’ibisasu ruhonyanganda ikihari. Ariko uno munsi, ugusugerezwa kw’intambara y’ibisasu ruhonyanganda kwabaye ikintu kiriho. Ikintu cose kiri mu mwanya waco neza nk’uko yatubwiye ko vyobaye. Igihe kiri hano.

Kuw’iyinga, ubugira kandi AZOVUGANA NATWE ADACIYE KU RUHANDE, umunwa ku gutwi, kandi tuzokwumviriza irindi kete ry’urukundo ryavuzwe kandi ryabikiwe twebwe gusa kugira ngo twumvirize. Mbega Azotubwira kandi Azoduhishurira iki? Ni ikihe gihe? Ni igiki kiriko kirashika?

Imana Iriko Yegeranya Umugeni WaYo. Ariko aja hamwe, Avuye mu Buseruko no mu Burengero, mu Buraruko no mu Bumanuko.Hari igihe co kwegerana, kandi kiriko kiraba ubu. Yegeranirizwa iki? Izamurwa.

None ni iki Ubu Butumwa Bukora mu gihe twumviriza Ijwi ry’Imana kw’isi yose? Bwunga ubumwe bw’Umugeni hamwe n’Ijambo. Ijambo Ni Imana. Umukwe Ni Ijambo. Umugeni ni uwumviriza rirya Jambo, kandi turiko turaja hamwe mu Bumwe. Turiteguriye Ubukwe aho ducika Umwe hamwe n’Ijambo.

Ukwo Data Ari, naNje niko Ndi; kandi ukwo Ndi, niko namwe mumeze; kandi ukwo mumeze, niko Ndi. Kuri urya munsi muzomenya ko Ndi muri Data, Data akaba muri jeWe, jeWe muri mwebwe, na mwebwe muri Jewe.” Murabona? Kuri “urya munsi.” Umunsi uyuhe? Uyu munsi! Turabona amabanga yari yaranyegejwe y’Imana ahishurwa. Yooo, ese ukuntu ivyo ndabikunda!

Ubu niwo mwanya. Ubu nico gihe. Umugeni Yariteguriye Umukwe ubwiWe. Turiko turumviriza mu gihe twumva akamo ko mu gicugu “Ehe, Umukwe Araje!” Turi neza na neza mu gihe c’iherezo.

Ni muze mwungane ubumwe natwe mu gihe twunga ubumwe kw’Ijambo, kuw’iyinga isasita, kw’isaha ya Jeffersonville, (isakumi na zibiri i Burundi), mu gihe tuzokwumviriza Ijwi ry’Imana Ritubwira ko ari “Igihe co kwunga ubumwe n’Ikimenyetso, Ubutumwa Bwavuzwe kw’igenekerezo rya 18 myandagaro mu mwaka wa 1963.

MweneData Joseph Branham

Ivyanditswe vyo gusoma
Zaburi 86 :1-11
Matayo 16:1-3