24-0211 Hindukiriza Amaso Kuri Yesu

Ubutumwa: 63-1229E Hindukiriza Amaso Kuri Yesu

Kuvoma Ubutumwa

Ibimenyeshejwe Ibimenyeshejwe ku bijanye n’ugusobanura mu zindi ndimi bikorerwa muri Branham Tabernacle

Mukunzi Rubuto Rwabanguriwe,

Woshobora kwiyumvira ukuntu bizoba ari igitangaza kwicara no kwumviriza intumwa mumalayika w’indwi w’Imana akubwira ukuntu adahengeshanije no kubatangariza umugambi wose w’Imana? Mukuja mw’ido n’ido ry’ibijanye n’ugukwerwa kwa gatatu, hamwe no kukwemeza ukuntu vyagaragajwe?

Ukuntu Imana yaremye inkezi zica ziraboneka; nka kurya nyene yaremye umwagazi kubw’Ijambo kuri Aburahamu. Ukuntu iryo Jwi nyene ryamubwiye kuvugisha mushikiwe yitonda yitwa Hattie, uwavuze ikintu c’ukuri, kandi yamubwiye ko rya Jwi nyene ryavuze inkezi zigaca zibaho ryamubwiye kumuha ico ari co cose yashaka hanyuma arabe ko kidaca gishika ubwo nyene.

Ukuntu umusi umwe igihe yariko arahiga mu bugararwa hamwe n’abagenzi biwe, igihuhusi c’inkomezi caraje kimutuma agenda. Ariko ukuntu Imana yavuganye nawe, umunwa kugutwi hanyuma Ivuga iti, “ Naremye Ijuru n’Isi. Ncecekesha uyu muyaga w’inkomezi mu kiyaga.”

Ukuntu yasimvye maze akura inkofero yiwe nk’uko Ijwi ryari ryamubwiye riti, “bwira gusa uwo muyaga, uca uhagarara. Ico uvuze cose nico kizoca gishika.”

Ntiyakekeranije iryo Jwi, ariko yikoze mugahogo maze avuga ati, “ Wa gihuhusi we, hagarara. Kandi izuba ryatse ibisanzwe imisi ine gushika tuvuye hariya.”

Amaze kubivuga imvura y’urubura, urubura rwaciye ruhagarara. Muri ico gihe izuba ryaciye rimwakira ari ryinshi. Umuyaga waciye uhinduka hamwe n’ibicu, nk’ikintu c’insigabwenge, uduga mukirere, hanyuma izuba ryaciye rica ibibatsi umwanya munaka.

Kandi yashoboye kukubwira ukuntu imbere y’imyaka 16 ivyo vyagaragajwe, Imana yamweretse ko hariho ikivyimba ku gasaho k’imbuto ya muka Branham, hamwe n’impamvu kashizwe hariya. Ukuntu basenze Imana cane kugira Igakuremwo burundu. Rero, ndashima ko yari Imana yariko irageza Ukwizera kwabo.

Rero imbere kategerezwa gukurwamwo n’ukubarwa, yariko avugana n’Imana ukuntu yamubereye umugore w’igitangaza. Ukuntu atigeze amwidogera igihe yari muhira. Ukuntu yamutegurira ikintu cose igihe yaba agomba aje guhiga, kwiha amahoro no kuvugana n’Umwami.

Rero yumvise ikintu mu cumba. Mu gihe yitegereza hejuru, rya Jwi ryavuze riti, “ Haguruka,” hanyuma ryavuze rirti, “ rero ico ari co cose uvuga, uko niko gica kiba.”

Yararindiriye akanya gato, hanyuma avuga ati, Imbere yuko ukiganza c’umuganga kimukorako, Ikiganza c’Imana kizokuraho ico kivyimba, kandi ntikizongere kubonekana.”

Mukanya gato imbere yuko ikiganza c’umuganga kimukorako, yari yamaze gukira. Ni uku umuganga yamubwiye, “ nagira ndakwemeze, muka Branham yuko ca kivyumba kitakihari ukundi. Ntugifise ikivyimba.”

Ese ukuntu Ijambo ry’Umwami ritunganye!

Mukumwumva akubwira ko atagukekeranya kukiri mu vyiyumviro vyiwe, arazi ico ugukwerwa kwa gatatu bisigura, kandi arazi ico gukora. Kubwiwe, kizoba ari ikintu kizotanguza ukwizera kw’izamurwa, mukwigira.

Twebwe mukwubaha no mugutekereza, aho vuba igihe kizoshika aho Imana izodukorera ibintu bihambaye. Igihe ico gihe kizozira, igihe ukudunerezwa kuzururukira, rero tuzobona ivyo twabonye igihe gito, bigaragazwa mu kunengesera mu bushobozi bwavyo.

Tuzoronka umuhezagiro uhambaye uwu w’iyinga isaha zitandatu z’umuhingamo, isaha ya Jeffersonville. Nashaka kubatumira kubana natwe mu gihe tuzokwumviriza : Hindukiriza amaso kuri Yesu 63-1229E.

Ntituzoba dukoraniye hamwe mukwumviriza Umuntu; hariho abantu benshi mw’ibarabara, kandi benshi bumvikanwa cokimwe. Ntituzoba turiko twitegereza kandi twumviriza Umuvugabutumwa canke umwungere, Tuzoba turiko twitegereza kandi twumviriza Yesu.

Tuzoba dukoraniye hamwe kw’isi yose twumviriza Uwo Muntu, Uwo Muntu w’Imana, Urya Yesu w’Inazareti mu mubiri, Imana, Ivugana n’Umugeni wayo.

Utegerezwa kwibaza, uriko witegereza iki uyu munsi? Ubona iki igihe witegereje? Ushobora kuMubona gusa mu gihe uMurabiye mw’Ijambo.

Ivyo yari afise igihe yagendagenda I Galilaya, nivyo bintu ariko arakorera Jeffersonville, niko Ameze aha muri Branham Tabernacle. Iyo witegereje ubona uwatanguje, umuntu w’Idini? Ntuzokwigera ubibona muri Yesu. Witegereje ubona umupatiri ahambaye? Ntuzokwigera ubibona muri Yesu. Oya. Ni gute ubona Yesu ? Kubwo Ijambo ry’Imana ryagaragajwe. Kuko yari We Jambo ry’Imana ryagaragajwe. Ico yari ico gihe , nico ari iri Joro kandi niko azokwama ibihe vyose.

Itegereze Yesu hanyuma ubeho; biranditswe biri mw’Ijambo, Halleluya!

Ni ukwitegereza hanyuma tubeho.

MweneData Joseph Branham

Ivyanditswe vyo gusoma imbere yo kwitegurira kwumviriza Ubutumwa :

Guharura 21:5-19
Yesaya 45:22
Zekariya 12:10
Yohana 14:12