24-0204 Hariho Umuntu Ng Aha Ashobora Kwatsa Itara

Ubutumwa: 63-1229M Hariho Umuntu Ng Aha Ashobora Kwatsa Itara

Kuvoma Ubutumwa

Ibimenyeshejwe Ibimenyeshejwe ku bijanye n’ugusobanura mu zindi ndimi bikorerwa muri Branham Tabernacle

Mukunzi Shusho ya Yesu Kristo,

Abantu biyumvira ko turi abasazi, twicaye mu mazu yacu no mu mashengero twumviriza ama bande. Biyumvira ko ikigoyi kitwishe. Ntibatahura ko twicaye mu nyonga z’umuco, w’u kwezi kw’umunani, umwana ,yeze kandi agaburirwa imfungurwa zibitswe nk’inyana mu ruhongore.

Turi ingano zikuze ziteguriwe kujanwa. Namba bakeneye kubaho mu migenzo yabo ni babandanye. Si twebwe, tubaye mu muco w’igihe cacu.

Ni uwuhe muco w’igihe cacu? Imana yarungitse kwisi umumarayika w’indwi wayo w’inkomezi kugira arongore umugeni wayo. Yari igiki? Yari Umuhanuzi. Ivyo yavuze vyarashitse. Yari ijambo ry’Imana ryagaragajwe, yari ukugaragazwa kw’umuco w’Ijambo ry’Imana. Yari umuco w’Imana kubwo iki gihe.

Mose yarabandanije, uko biri kose, kuko yari ubugingo, yari umuco w’ico gihe. ico yari afise, cari igiki? Imana yagaragaje Ijambo ryayo ryasezeranwe biciye muri Mose, kandi Mose yari uwo muco.

Eliya yari uwo muco. Umuco! Haleluya! Yari umuco. Umuco! Yari ijambo ry’imana ryagaragajwe.

Yohana, igihe yaza kw’isi… Yesu yavuze ati,” yari umuco kandi umuco utamanzuye.” Haleluya! Kuki? Kuko yari ijambo ryagaragajwe.

Rero bijanye n’Ijambo, umuco w’Igihe cacu ni Umuhanuzi w’Imana, William Marrion Branham. Uwusemerera mu bugaragwa Bw’Ibabuloni ati ,’’ ni muve iwe mwa bantu banje mwe kugira ntimube abasangira ivyaha vyiwe.”

Yari ugushitswa kwa Malaki 4:5 n’ivyahishuriwe Yohana 10:7, yikoze mu gahogo maze avuga ati, “ bizoba.” Kandi vyarabaye ata kintu na kimwe kiri muri ivyo. Ntiyarafise inkezi, nta nimwe yari hariya, yavuze gusa ati,” nibeho kandi yarabayeho.”

Ijambo ry’Imana ntirinanirwa kandi ritegerezwa gushitswa. Twarabonye umuco; ijambo ryayo yasezeranye kubwo iki gihe. Ryaremejwe hanyuma rigaragazwa kwari ukuri. Ni umuco w’Igihe. Nta gisubirizi cuko ivyo turiko turumviriza bitoba ijambo ryagaragajwe kubwo iki gihe. Nta NYO ZIRI MURI RYO… NTANAMBA. Asangwa abandi bahagijwe n’ikindi kintu ni babandanye ariko twebwe suko.

Ntibisigura ko mudashobora kwumviriza umwungere wanyu canke kw’Ivugabutumwa ritokwigisha; suko, ariko mutegerezwa kuyungurura buri Jambo ryose mwumviriza biciye mu kayungiro gahambaye k’Imana, UBU BUTUMWA KURI BANDE.

Igihe bavuga ko iminsi y’ubutumwa bw’umuntu yarenganye, ivyo ni INYO. Igihe bavuga ko ubu butumwa atari icishimikizo ntanyiganyizwa cabo ivyo ni INYO. Igihe bavuga yuko kwumviriza ama bande bidakwiriye ivyo ni INYO.

Nta kintu gihambaye gusumba gufyonda ukavuza, uzi kushobora kuvuga AMEN Kuri buri Jambo. Nta handi hantu ushobora gukora ivyo atari kumviriza ubutumwa bw’Igihe.

Rero turi ishusho ya Yesu Kristo kubwo iki gihe. Turi ijambo ryiwe ryagaragajwe. Turi abo yahisemwo kugira turonke ugihishurirwa kwiwe guhambaye kw’Igihe ca nyuma. TURI UMUGENI WIWE.

Umugeni wayo gusa niwe azoronka uguhishurigwa kw’ukuri kw’umuco w’iki gihe. Bazobimenya, uyu muco uzobatunganya, uyo muco ni Mpwemu Yera avuga biciye mu ntumwa Mumarayika wayo.

Woba wifuza kwicara mu nyonga z’umuco w’Imana kubwo iki gihe? rero ndabatumiye kwifatanya natwe ku wiyinga isaha zitandatu z’umuhingamo kw’isaha ya Jeffersonville ( hakazoba ari isaha imwe y’ijoro mu Burundi) mu gihe tuzokumviriza, Hariho umuntu ng’aha ashobora kwatsa Itara 63-1229M

Mwenedata Joseph Branham
Ivyanditswe vyo gusoma imbere yo kwumviriza ubutumwa:

Itanguriro 1:3, igice ca Kabiri
Zaburi 22
Yoweli 2 :28
Yesaya 7 :14, 9 :6, 28 :10, 42 :1-7
Matayo 4 :12- 17, igice ca 24 ni ca 28
Mariko 16
Ivyahishuriwe Yohana 3