Ubutumwa bwose twumva buza mu gihe kibereye kandi mu buryo butunganye kandi neza na neza ivyo dukeneye kwumva. Ni Ivyokurya vya Mpwemu mu Gihe Gikwiriye. Turahagijwe nuko atari ivyiyumviro vy’umuntu, nta n’ubwo ari Amajambo y’umuntu, ni Amajambo y’Imana Ivuga Iciye mu Muntu, Ihamagarira Umugeni waYo gusohoka. Dushobora kuvuga bivuye ibwina mu mutima wacu tuti:
. Ubu Butumwa ni Uko Niko Uhoraho Agize. . Ni Inzira Imana Yatanze y’iki gihe. . Ntibukeneye insiguro. . Ni Amajambo yo kutihenda.
Kwumviriza uru rukurikirane rw’Ubutumwa kwabaye ikintu co hejuru cane gihambaye mu buzima bwanje. Nshaka gusangira gusa ijambo ku rindi n’abantu bose. «Mbega mwarumvise iri jambo… Sinigeze ndaryumva gutyo mbere… Numvirije irya bande kane mu minsi mikeya iheze kandi sinigeze ndabitahura nk’ukwo nabitahuye uno munsi. Ubu Butumwa ni ubw’ubu gusumba igihe bwavugwa haraheze imyaka 56. »
Nta kintu kibaho kingana n’umunezero wuzuye wo kumenya ko mwumviriza Ijwi ry’Imana Ritagira agatosi Ryagaragajwe. Ntibikenewe kumera magabo. Nta kamaro ko kwibaza uti, mbega ibi biri ku murongo w’Ijambo. Mbega ibi ni ivyiyumviro vyiwe canke insiguro yiwe ? Ntegerezwa kuja kubisuzumira kw’Ijambo.
Si twebwe, turicara gusa, tukisanzura, maze tukavuga AMEN kw’Ijambo Ryose, mu gihe tuzi ko ikintu cose turiko turumviriza ari UKO NIKO UHORAHO AGIZE.
Ibimenyeshejwe Ibimenyeshejwe ku bijanye n’ugusobanura mu zindi ndimi bikorerwa muri Branham Tabernacle
Mukunzi Mugeni w’Ugukaburwa kubw’Uguhishurirwa,
Mbega ni igiki cabaye kw’isi yose mu mpera y’iyinga iheze ? Ni igiki cariko kiraba ? Urwo rwamo rwose rwari urw’iki ? Umugeni wo kw’isi yose yari yakoraniye hamwe, aremarema imisozi akoresheje ivyo guhoma bita plâtre, ibumba, umusenyi n’inkoni. Yakoraniye hirya no hino y’imiriro y’umunezero, aririmba indirimbo zo gutazira no guhimbaza Umwami. Abakiri bato n’abakuze co kimwe, bambaye amashati yavuga Ugukaburwa kubw’Uguhishurirwa. Bari abo kuva Michigan gushika i Floride, kuva Maine gushika i Californie, kuva muri Amerika y’Uburaruko gushika muri Amerika yo mu Bumanuko, kuva i Buraya, muri Afrika, muri Aziya, muri Australiya, kuva ku mpande zose z’isi. Bumviririsha utwuma twabo muhira iwabo, bumva ijwi ry’Imana rivugana nabo ata guca iruhande.
Kwari ukuhe gukwegwa ? Urubuto rwatoranijwe rw’Imana rudashobora gukora ikindi kintu kiretse ugukurikira Ubutumwa bw’igihe, rwizeye Ijambo ryose Ryavuzwe n’umuvugizi w’Imana, rwari rwakoranye mu guhimbaza, mu gutazira no kwigina ikintu gihambaye cabaye mu gihe cacu ku musozi Sunset.
Yari Imana Yemeza Ijambo ryaYo. Ico ni co urwo rwamo rwose rwasobanura. Murabe, Yari Imana Ishitsa Ijambo ryaYo ubugira kandi, ry’Ivyahishuriwe Yohana 10 :1 gushika 7, « Kandi mu minsi y’Ijwi ry’umumarayika w’indwi, ibanga ry’Imana ryobaye riherahejwe. »
Ni Imana Yariko Ikora amateka. Ni Imana Yariko Irashitsa ubuvugishwa. Yari inyishu y’ubuvugishwa bw’umuhanuzi. Kandi twashaka kuba hariya kugira ngo turonke kandi twumve ikintu ico ari co cose Yakoze biciye mu muhanuzi waYo.
Twirengagiza ukunegura kw’uwutizera n’abigira abizera. Ntiduharira nabo. Dufise ikintu kimwe gusa co gukora, ni ukwizera no kuronka agace kose kaVyo dushobora. Dukoranira hamwe buri yinga nk’umuntu umwe kugira ngo twumvirize Ijwi ry’Imana, mu gihe turindiriye Ukuza kwa Mesiya.
Ese ukuntu dutegerezwa kumera magabo namba VYEGEREJE UKO. Turibaza tuti, mbega azoba ari amashengero y’amadini ? Asa naho ari kure cane kandi ntari hafi na gatoya. None Azoba ari nde ?
Rero, gusa amashengero akanye, y’imigenzo, y’ubwibone n’ibindi, ya tewolojija yakozwe y’abantu, ayo ntiyobikora; Uwatoranijwe ntiyokwigera yitaho ivyo. Ariko biri hejuru hafi nk’ikintu c’ukuri. Kureka gusa Ijambo rimwe ni co conyene utegerezwa gukora.
Yavuze ko Eva atigeze asohoka kandi ntiyavuze ibigirankana ko atizera Imana. Yizeye ikosa. Satani yaremeye ko Ryari Ijambo ry’Imana, ariko ingorane nuko yashize insiguro yiwe bwite kuri Ryo kandi vyamutumye yizera ikinyoma maze acirwako iteka kubera ico.
Igifuniko carakuweko. Piramide yaruguruwe. Ivyanditswe vyarashizwe ku mugaragaro. Uguhishurwa kwarahawe Umugeni. Ni Yesu Kristo Wawundi ejo, uno munsi no mu bihe bidashira.
Ivyo bituma Satani adushavurira cane. Arazi ko ageze kw’iherezo ryiwe. Ashaka ko twibaza abo turi bo. Duca mu bipimo n’ibigeragezo bigoye gusumba ukwo twigeze kubicamwo. Rimwe na rimwe turibaza, tuti ni kuki ibi vyose bidushikira?
Impamvu yavyo, ni kuMugerageza, Umugeni waYo. Ni ku… Mu gihe Yagaragajwe, yageragejwe, yemejwe, yerekanywe na Satani.
Imana Ishimwe!!! Ibipimo n’ibigeragezo vyacu ni We gusa Yemeza Satani, ko TURI UMUGENI WAYO YAGARAGAJWE.
Tubona ubu, ko iki gihe kibi ari co kwemeza, kuri Satani, ko Atameze nka Eva, ko Atari burya bwoko bw’umugore. Kandi Azogeragezwa n’Ijambo ryaYo, Umugeni, nk’ukwo umugeni wa Adamu yageregejwe n’Ijambo. Kandi umugeni wa Adamu yizera agace kose k’Ijambo, Ryose, ariko yazazaniwe kw’isezerano rimwe.
Neza ni nk’ubuzima bwanyu n’uko musa bizanzwe bihererekanwa n’ukuvyara gusanzwe kwa so, niko bimeze na Mpwemu w’Imana, yatoranijwe imbere y’itanguriro y’isi.
Ese ukuntu dukenguruka ko Mpwemu w’Imana, ukuvyarwa kwacu, kwatoranijwe imbere y’itanguriro ry’isi kugira ngo tugire Uguhishurirwa kw’Ukuri kw’Ubu Butumwa.
Murahawe ikaze kuronka Ukwo gukaburwa nyene kubw’Uguhishurirwa hamwe natwe kuw’iyinga isamunani ku muhingamo, isaha ya Jeffersonville, mu gihe tuzokwumviriza Imana y’Iki Gihe Kibi, ubutumwa bwavuzwe kw’igenekerezo rya 1 Myandagaro mu gitondo, umwaka wa 1965.
MweneData Joseph Branham
Ivyanditswe vyo gusoma :
Matayo igice ca 24 Matayo 27:15-23 Luka 17:30 Yohana 1:1 Yohana 14:12 Ivyakozwe n’Intumwa 10:49 Icete ca mbere c’Abikorinto 4:1-5 Icete ca mbere c’Abikorinto 14 Icete ca kabiri c’Abikorinto 4:1-6 Ab’i Gatatiya 1:1-4 Abanyefeso 2:1-2 Abanyefeso 4:30 Icete ca kabiri c’Ab,itesalonike 2:2-4 Icete ca kabiri c’Ab’itesalonike 2:11 Abaheburayo Igice ca 7 Icete ca mbere ca Yohana 1 Icete ca mbere ca Yohana 3:10 Icete ca mbere ca Yohana 4:4-5 Ivyahishuriwe Yohana 3:14 Ivyahishuriwe Yohana 13:4 Ivyahishuriwe Yohana ibice ca 6-8 Ivyahishuriwe Yohana ibice 11-12 Ivyahishuriwe Yohana 18:1-5 Imigani 3:5 Yesaya 14:12-14
Ibimenyeshejwe Ibimenyeshejwe ku bijanye n’ugusobanura mu zindi ndimi bikorerwa muri Branham Tabernacle
Mukunzi Mugeni Watoranijwe,
Impamvu Yesu Yavuze ko Abatoranijwe Batazohendwa, ni uko bari Iryo Jambo. Ntibashobora kuba ikindi kintu na kimwe. Ntibashobora kwumva ikindi kintu na kimwe. Ntibazi ikindi kintu na kimwe.
Nta kintu na kimwe gihambaye gusumba mu buzima nko kumenya ko Imana Yatoreye umuhanuzi waYo imbere y’itanguriro ry’isi kuvuga aya Majambo. Rero, Yemeye ko Ijwi ryaYo Rifatwa ku ma bande, ku buryo twebwe, Umugeni waYo Yatoranije, twoshobora kwumva no kwisunga Ijwi ryaYo Ryafashwe ku ma bande maze Rikabikwa neza, kuko Yashaka ko tumenya ko :
. Turi Ijambo. . Tudashobora guhendwa. . Tudashobora kuba ikindi kintu na kimwe. . Tudashobora kwumva ikindi kintu na kimwe. . Tudashobora kumenya ikindi kintu na kimwe.
Yamenye ko twokeneye guterwa intege uno munsi nk’uko bitigeze kuba uwundi munsi muri kahise. Intambara zizoba zarese nk’uko bitigeze kuba na rimwe. Umugeni waYo Azoba yashizwe mu gipimo. Ariko iyaba Yoshobora kwibutsa Umugeni waYo abo bari bo, boshobora kunezerwa mu mitima yabo bazi ko ari abakunzi baYo mu Bugombe bwaYo butunganye.
Ico Satani yoduterera cose, ico dutegerezwa gucamwo cose, ubu turazi ko, Ahitamwo Umugeni, kandi turi uwo Mugeni. Ntiduterwa isoni n’Uguhishurirwa kwacu kw’Ijambo. Ntituzokwigera na rimwe tugerageza gukorera Imana Igikorwa Atari Ubugombe bw’Imana. Kuri twebwe, ni Imfungurwa Za Mpwemu mu Gihe Gikwiriye. Turazi ko hazoba Abasizwe bo mu Gihe c’Iherezo, ariko TUZOGUMANA N’IJAMBO.
Namba mwokunda ivyo vyizigiro nyene, muzoze twifatanye kuw’iyinga isamunani ku muhingamo, isaha y’i Jeffersonville, kugira ngo twumvirize Abasizwe bo mu gihe c’Iherezo, Ubutumwa bwavuzwe kw’igenekerezo rya 25 nyakanga mu gitondo, umwaka wa 1965. MweneData Joseph Branham.
Kandi kuri iri shengero, no ku mabande, abantu ku mabande, n’abantu bari ku murongo mu bice bindi vy’igihugu, ndashaka ko mwumviriza ibi neza rwose, kandi ntimu bihushe. Igihe umwansi avuze ko mweneData Branham yavuze kugumana n’Ijambo, atari amabande, hamwe n’urutoke rumwe twumva Ijwi ry’Imana RISEMERERA kandi Rivuga riti:
Kubw’ivyo mvuze, mw’Izina rya Yesu Kristo : Ntimwongereko ikintu kimwe, ntimukureko, ntimushiremwo ivyiyumviro vyanyu kuri Ryo, muvuge gusa icavuzwe kuri ayo mabande, mukore gusa neza na neza ico Imana Yategetse gukora, ntimwongere kuri Ryo!
Ng’ibi ibintu bitanu vyanyu bisabwa. Bitegerezwa kuba ukwo. . Umwanya wiWe. . Igihe ciWe. . Umuntu Yahisemwo. . Bitegerezwa kuza ku muhanuzi. . Umuhanuzi ategerezwa kuba umuhanuzi yagaragajwe.
Umuhanuzi wacu ni Yesu Kristo.
Ijambo ry’Igihe Ryagaragajwe ! Ijambo Ryagaragajwe mu gihe ca Mose Ryari Yesu. Ijambo Ryagaragajwe mu gihe ca Yesaya, Eliya, Yohana, bose, Ryari Yesu. Kandi Ijambo Ryagaragajwe iki gihe ni Yesu, uko Yari Ari ejo, n’uno munsi niko Ari , niko Azokwama ibihe bidashira.
Hamwe n’urutoke rumwe dushobora gufyonda tukavuza maze tukumva Yesu Kristo ubwiWe Avuga kandi Aduhishurira ko :
. Uwu ni wo mwanya, . Iki ni co gihe, . Uyu ni we muntu Yahisemwo, . Uyu ni umuhanuzi Wanje, . Uyu muhanuzi yaragaragajwe cane gusumba uwundi wese mu bahanuzi baNje.
Turakenguruka cane ko ataco bitwaye aho turi hose mw’isi, Abonana natwe.
Yasezeranye guhura aho ari ho hose babiri canke batatu bakoraniye hamwe. Ni ukuri. Aho ni ho uwizera w’ukuri ashingira ivyizigiro vyiwe, ni kuri iryo Jambo ry’Imana Ryagaragajwe mu Kuri.
Turakenguruka cane ko twizeye umuhanuzi wiWe, n’Ijambo Ryose Ryavuzwe.
Namba mwizeye ko ndi umuhanuzi w’Imana, mwumvirize ico nababwiye.
Umuhanuzi wiWe yategerezwa kwigisha iki ?
Ubutumwa Butunganye, kugaruka kw’Ijambo.
Yarungikiwe iki?
“Genda uzane urya Mugeni!” Iyo ni inshingano. Ico ni co mbereye ng’aha. Ico ni co ngerageza gukora, ni uguhamagarira Umugeni gusohoka.
Vyogenda gute tuvuye mu murongo ?
Kandi ico ni co twotegerejwe gukora, kugumiza urya Mugeni mu murongo.
Ubu Data Afise iki mu kigega c’Umugeni ?
Nsubiye muhira, gusubiramwo indagano zanje ubugira kandi, no gutangura bushasha. Rero ivyo ni vyo dutegura gukora, ico ni co mbereye ng’aha.
Umwami Ashimwe, ni ryari tuzotangura gusubiramwo ibikorane ?
Kandi rero, Umwami Abishatse, kuw’iyinga uza mu gitondo tuzotangura igikorane. Kandi mwese mumfashe, kandi tuzosenga, kuko vyari mu mutima wanje kugerageza… Bavuze bati, “Yemwe twoshobora kuja Louiville canke twoshobora kuja muri New Albany ariko igikorane cotegerejwe kuba ica Jeffersonville. Nzoja i Louisville na New Albany, mu bihe bitandukanye, ariko ibi vyotegerejwe kubera ng’aha Jeffersonville.
Turiteguye Data. Inkukuma zawe zizoba zikoranye kandi zumviriza? Ni igiki kigiye kuba muri iki gihe?
“… Nkeneye ukwizera kurushirijeho.” Ico ni co mbereye muhira ubu ni ukuronka u—umuvuduko mushasha w’ukwizera.
Umwami Ashimwe, natwe ivyo ni vyo dushaka Data umuvuduko mushasha w’UKWIZERA. Turazi ko ukwizera kuzanwa n’ukwumva, kwumva Ijambo RyaWe, kandi Ijambo RyaWe Riza ku muhanuzi. Ubu Butumwa, Ubushobozi bw’Imana Mushoboravyose, Bwakwiragijwe kw’isi yose, ariko ubu igihe co gutandukana kirashitse. Imana Iriko Irahamagara Umugeni, kandi umurwanizi ariko arahamagara ishengero. Turi igice c’Ubu Butumwa, Ijambo RyiWe, Umugeni WiWe!
Dufise ivyizigiro kandi turazi ico turiko turavuga. Ntiduterwa isoni ko twizeye ubu Butumwa n’intumwa yiWe, kuko biri co kimwe. Ntiduterwa isoni no kuvuga tuti, “twizeye Ijambo Ryose.” Ntiduterwa isoni no kuvuga tuti : “Tuvuza amabande mw’ishengero ryacu.” Ntiduterwa isoni no kuvuga ko turi abantu b’Amabande.
Biratugora gutahura ko uwizera uwo ari we wese canke umukozi w’Imana w’ibikorwa bitanu biri hamwe, avuga ko yizeye ubu Butumwa, kandi avuga ko mweneData Branham ari umuhanuzi w’Imana n’intumwa, rero yokwizera kandi akabwira abantu ko ari bibi kandi bitajanye n’Ijambo kuvuza mu ma shengero yabo Ijwi ry’Imana nyene Ryagaragajwe.
Uhore ugavye mu gihe gikwiye no mu kidakwiye, uhane, wihanize, uhanure, mu kwihangana kwose no mu kwigisha. Kuko igihe kizoza, batazokwemera kwumva ukwigisha kuzima; ariko kuko amatwi abarya yifuza kwumva ibibanezereza, bazokwirundaniriza abigisha bahuje n’ukwifuza kwabo, kandi bazokwiziba amatwi, ngo ntibumve ukuri, bazozimira bakurikire imigani y’ibinyoma.
Iyo hageze kw’Ijambo Ry’Imana Ry’inkomoko, Ritavanze, Ryemejwe n’Imana, Ijwi ry’Imana Ryagaragajwe, bisa n’ibizazanira n’uwundi mugwi. Bazazanirwa kuri Ryo kandi bizeye ko, ari ukurwanya Ijambo, kuba Ishengero rya Bande.
Ariko kuri twebwe, Ni ibiboneka. Ntitugira isoni. Igihe twaronka Ukwo Guhishurirwa, hariho Ikintu Kinaka Cakuye ibihari muri twebwe, kandi ubu nta na kimwe gishobora gufata ikibanza cavyo. Dushimishwa no kwitwa Umwe muri Bo. Ishengero rya Bande. Umugwi wa Bande, Abantu ba Bande.
Turabatumiye kuza kwumviririza hamwe na Branham Tabernacle igikorwa c’Imana ca Bande, kuw’iyinga isamunani ku muhingamo, isaha ya Jeffersonville, mu gihe tuzoba dukoraniye hamwe n’igishika cinshi; dusubiramwo indagano zacu ubugira kandi, hanyuma dutangure bishasha, mu kwumviriza : Uguterwa Isoni, Ubutumwa bwavuzwe kw’igenekerezo rya 11 mukakaro umwaka wa 1965.