All posts by admin5

23-0205 Ibintu Bishika Bisigurwa N Ubuvugishwa

Ubutumwa: 65-0801e Ibintu Bishika Bisigurwa N Ubuvugishwa

Kuvoma Ubutumwa

Ibimenyeshejwe Ibimenyeshejwe ku bijanye n’ugusobanura mu zindi ndimi bikorerwa muri Branham Tabernacle

Bakunzi Hanga ry’igihe,

Data ,turaGukunda cane. Mbega ni gute twotangura kugaragaza uko twiyumva ? Waraduhisemwo, waradutoranije, hanyuma wahindutse Umuntu muzima kugira ngo utange Ubugingo bwawe kubwacu.

Wanditse ivyiyumviro vyawe biciye ku Bahanuzi, kugira ngo dushobore kuronka Ijambo ryawe. Rero, nk’uko wasezeranye, waragarutse ubugira kandi, Wihishura ubwaWe mu mubiri w’umuntu kubwo ibintu bishika bigasigurwa n’ubuvugishwa, kugira usigure kandi uhishure Ijambo ryawe.

Kubwo uguhitamwo kwaWe bwite, wahisemwo William Marrion Branham kugira ngo abe umuntu w’igihe. Wamuhisemwo kuguira ngo atume tumera magabo. Watiriganije ibiganza vyiwe. Watwaye amaso yiwe mw’iyerekwa. Nta kintu na kimwe yari gushobora kuvuga kiretse ico Wamweretse.

Nta kintu na kimwe yari gushobora kuvuga kiretse ico Washize mu kanwa kiwe. Ni We waganza ururimi rwiwe, intoki ziwe, n’ibihimba vyose vy’umubiri wiwe. Yari yuzuye ububasha bwaWe.

Rero, kubwo uguhitamwo kwawe ubugira kandi , waduhisemwo kugira tube ihanga ry’igihe. Umugwi wawe w’inkehwa ukoranye kubwo ugusirwa kw’Ijambo, gutanga ubugira kandi, Ubugingo bwa Yesu Kristo. Turi Ijambo ryawe twifatanya n’Ijambo. Nta kindi kintu twoshobora gukora.

Data, dushaka kuba mu Bugombe bwawe butunganye ; nta kindi kintu c’ingirakamaro kuri twebwe. Ntidukeneye ivyiyumviro vyacu, ivyo twibaza, canke ivyo uwundi muntu avuga, dukeneye gusa Ubugombe bwawe.

Twaragiye kw’Ijambo ryawe kugira tubone ivyo Wavuze twokora kugira ngo tube Umugeni wawe. Wavuze yuko umusi umwe uzocira urubanza isi ukoresheje Ijambo ryawe. Watubwiwe yuko Ijambo ryawe Riza GUSA ku Bahanuzi, abatoranijwe kandi bakagenwa naWe.

Watubwiye yuko Ritigera riza ku Munyetawolojiya canke umugwi w’abantu, kiretse gusa ku Muhanuzi wawe. Azoba umusiguzi waWe wenyene w’Ijambo ava ku Mana. Si ivyiyumviro vyiwe, ivyo yibaza, insobanuro yiwe, ariko Uvuga Uciye muri we, Ugasobanura Ijambo ryaWe bwite.

Mu gihe cose, abantu barareka abantu bagashira insobanuro yabo bwite kw’Ijambo ryaWe, hanyuma vyaca bibahumisha. Hakoreka ca kintu nyene Abafarisayo n’Abasadukayo bakora. Iyo niyo mpamvu abantu Bibananira gutahura uyu musi. Bariko bumviriza ivyo uwundi
muntu yavuze, aho kwumviriza Ijambo nk ‘uko Umuhanuzi wawe yababwiye gukora.

Wavuze, ubwa mbere ndungitse Ijambo ryanJe, rero asangwa abantu batazokwizera Ijambo ryanJE , rero ndabarungikira Igikorwa c’ivugabutumwa. Kandi wavuze y’uko mu gihe cose Igikorwa c’ivugabutumwa carononekara ; atari kuri bose, ariko kuri benshi muri bo, hanyuma bagaca birongorera abantu ubwabo. Dukeneye kuba mu mugambi waWe w’inkomoko.

Bitera uruzazane rwinshi, abakozi b’Imana ntibashobora kwemerana hagati yabo. MweneData munaka ntashobora kwemeranya n’uwundi MweneData ;
MweneData uyu ntashobora kwemeranya n’uwundi MweneData. Ntibashobora guhuza hagati yabo. Gusa bamera nkabahuriye ku kintu kimwe, Ntidutegerezwa kuvuza Bande mw’Ishengero.

Ni Babuloni ubugira kandi, bizana uruzazane rwinshi, Twizera y’uko hariho gusa inzira imwe kandi dutegerezwa kwikebagura kugira ngo duce muri iyo nzira, si ukugerageza gukebagura iyo nzira kugira ngo itubere.

Harabonetse abakozi b’Imana bahagurutse bafise ivyiyumviro vyabo bwite, insobanuro yabo n’inyigisho zabo bwite. Bose ntaco bashitseko. Harabonetse abakozi b’Imana bahambaye bagenywe bahagurutse bavuga yuko bariko barigisha kandi bavuga Ubutumwa bw’igihe, hanyuma ngo igikorwa c’ivugabutumwa cabo ni inzira yateguwe n’Imana kubwo iki gihe, atari Amabande.

Bafise abantu babizigirwa bagenda kumashengero yabo , babumvirije imyaka n’ imyaka. Bafise abakozi b’Imana babagendera, ibikorane, imivyuro, bigisha, bavuga y’uko ivyo bavuga ko ari Inzira yaWe wateguye, atari Amabande. Rero umusi umwe bazovuga y’uko Ubutumwa atari Ukuri.

Boba batariko barasuzuma ivyo yavuze kuri Bande ? Boba bariko barafata ko ivyo yavuze ari Ijambo, Inzira yateguwe n’Imana kubwo iki gihe ? Iyoba yovugije Bande, Ijwi ryawe ryagaragajwe kubwo abantu, aho kwigira ubwabo Ijwi nyamukuru , botegerejwe kumenya y’uko ico bariko barumviriza ko ari icasizwe c’ikinyoma mu nyigisho y’igihe ca nyuma.

Ivyo ntibisigura yuko mudakeneye umwungere. Ntibisigura yuko bose ari abungere basizwe b’ibibinyoma . Ntibisigura yuko hariho benshi bigisha neza na neza ivyo MweneData Branham yavuze. Bisigura yuko ikintu c’ingirakamaro kuruta ibindi vyose mutegerezwa kwumviriza, ni Ubutumwa kuri Bande; Ni co conyene ari NIKO UHORAHO AGIZE.

Ni ikintu co kwisungwa. Ni Icishimikizo ntanyiganyizwa. Ni Ijambo rya nyuma. Ni ryo Jambo ryonyene Ritunganye. Mu gihe umwungere, umurongozi wanyu wo muri mpwemu, atariko arumviriza Iryo Jambo ritunganye n’abantu biwe, ikintu kinaka kizogenda nabi.

Kubera iki igikorwa c’ivugabutumwa kitovuza Ijwi ryaWe ryagaragajwe mu mashengero yabo ? Ni gute bovuga yuko ari ikinyoma mu gihe bavuga yuko bizeye ko ari Ijambo ? Ni kuki bazana ivyitwazo vyose hanyuma bakavuga yuko ivugabutumwa ryabo ari inzira yawe wateguye kubwo iki gihe, atari Ijwi ryaWe ryagaragajwe kuri Bande ?

Kuko batera ubwoba abantu bavuga ngo ni kubera tuvuga tuti, « FYONDA UVUZE. » Mu kwumviriza Ijwi ryawe, ngo turiko turasenga umuntu, ngo si wewe uriko uravuga biciye muri uwo Muntu ?

Dusenga WEWE WENYENE DATA . Twarabisuzumye n’Ijambo ryawe twitonze. Utubwira biciye mu muhanuzi wawe kuri buri Butumwa twumviriza kuri Bande uti : Ni inzira yawe wateguye kubwo iki gihe gusa.

Ni hehe handi Umugeni wawe yogenda kiretse neza na neza kw’Ijambo ryaWe. Turi Umugeni Jambo Nkumi waWe. Dutegerezwa kugumana n’inkingi y’umuriro yaWe. Niho hantu honyene twoshobora guhazwa turi, maze tukavuga amen kuri buri Jambo twumvirije.

Data, TuraKubona hanze y’Ishengero ryawe uriko uragerageza kwinjira, kandi bijanjagura umutima wacu. Umunyororo wo kugaza uri imbere kandi twaruguruye urugi kugira ngo winjire. Nta kindi kintu tuzi. Nta kindi kintu dukeneye. Ntidushobora gufata n’ikindi kintu. Twibungenze Ijambo ryawe.

Urakoze Data kubwo Uguhishurirwa kw’Ijambo ryawe. Ntiturwanya umuntu n’umwe, turi gusa Ijambo ryawe ryasiguwe n’Ubuvugishwa. Tuzohagarara imbere yawe umusi umwe mu rubanza. Hamwe n’imitima yacu yose dushaka kuvuga tuti, « Data, twagumanye n’Ijambo ryawe. »

Tera intege umwungere wanyu, umurongozi wanyu wo muri mpwemu , ngo afyonde avuze uwu w’iyinga hanyuma mwumvirize Ijwi ry’Imana. Muzocirwa urubanza umusi umwe n’ivyo Ijambo ry’Imana Rivuga kuri Bande. Ni gute woguza amahirwe yawe n’ikindi kintu ?

Murahawe ikaze, muze kwifatanya natwe kuri uwu w’iyinga isaha zitandatu z’umuhingamo, kw’isaha ya Jeffersonville (isaha imwe y’ijoro mu Burundi), hanyuma mwumvirize : Ibintu bishika bigasigurwa n’ubuvugishwa 65-0801e, mu gihe Imana Yivugira iciye mu kanwa k’umuntu wayo Yahisemwo. Uwo yahaye ububasha bwayo ??, ingabire yiWe. Yamuhaye kamere yiwe, ukwo ameze, n’ivyo ari vyose, ukwo yigaragaza n’ico ari co cose akora. Yagize MweneData William Marrion Branham umuntu w’igihe kugira ngo acakire ihanga ry’igihe, kandi turi IHANGA RY ‘IGIHE.

MweneData Joseph Branham

Ivyanditswe vyo gusoma imbere yo kwumviriza Ubutumwa :

Itanguriro : 22 :17-18
Zaburi 16 :10/ igice ca 22/35 :11/41 :9
Zekariya 11 :12/13 :7
Yesaya 9 :6/40 :3-5/50 :6/53 :7-12
Malaki 3 :1/ Igize ca 4
Yohana 15:26
Luka 17:30/24:12-35
Abaroma 8:5-13
Abaheburayo 1:1/13:8
Ivyahishuriwe yohana 1:1-3/ Igice ca 10

23-0129 Imana YIki Gihe Kibi

Ubutumwa: 65-0801M Imana YIki Gihe Kibi

Kuvoma Ubutumwa

Ibimenyeshejwe Ibimenyeshejwe ku bijanye n’ugusobanura mu zindi ndimi bikorerwa muri Branham Tabernacle

Mukunzi Busho, Jambo, Nkumi ntoya ya Kristo,

Nta kindi kintu turi. Ntidushobora kwumviriza ikindi kintu. Nta kindi kintu tuzi. Ntidushaka ikindi kintu. Aho inyama nshasha ziri , FYONDA UVUZE, ari zo Jambo ry’igihe, aho inkukuma zizokoranira. Ijambo Riza muri twebwe nk’Ubugingo.

Ntitumeze nk’uwundi muntu uwo ari we wese! Muri ihanga ryitandukanije, Abera ku Mwami, bishikaniye Ijambo na Mpwemu w’Imana, kugira ngo bame Icamwa c’Isezerano ryiWe kubw’iki gihe. Ubu turiko turakura kandi twera kubwo kwumviriza Ijwi ry’Imana.

Umuhanuzi yatubwiye kwisunga izi Bande. Asangwa ufise iradiyo, shira umugwi hamwe hanyuma uYivuze, maze muheze mwumvirize mutekereje. Umviriza Ijwi ryiWe, ivyo Ariko Aratubwira. Ijambo ry’Imana ntirikeneye insobanuro, Irikorera insobanuro yayo bwite. Ndi Ijwi ry’Imana kuri mwebwe.

Kandi n’uku biri, nta Jambo na rimwe ryokwongerwako canke ngo rikurwe muri Bibiliya. Nimugumane n’iryo Jwi. “Uwo Ritazi ntibomukurikira,”

Ni gute umuntu adashobora kubona inzira yateguwe n’Imana iki gihe? Ariko Imana shimwe, turashobora kuYibona, kuko twatoranirijwe kuYibona. Ntidushobora kandi ntituzoshobora guhemukirwa kuko turi Ijambo ryagaragajwe.

BeneData na Bashikibacu, reka ivyo vyinjire ibwina akanya gatoyi , TURI IJAMBO RYAGARAGAJWE! Imana ubwayo, Ivugira mu munwa w’umuntu, Iriko Iratubwira ko TURI IJAMBO. Ntidutinya ikintu na kimwe vy’ukuri. Ikintu cose dukeneye ni icacu.

Buri yinga tuba twiteze ukugendererwa n’Umwami. Ntidufise ibibanza hano vyokwicarikamwo umuntu wese, kandi n’umuntu ntashobora kuza I Jeffersonville, rero dutegerezwa kurungika Ijambo biciye ku buhinga ngurukanabumenyi.

Turi mu nzu zacu, mu mashengero yacu, mu miduga yacu, dukoraniye impande y’iyi radiyo ntoya kw’isi hose, Turindiriye ukuza k’Umwami.

Bakoraniye hamwe natwe muri Afrika, Barindiriye ukuza k’Umwami. Bakoraniye hamwe natwe muri Mexique, barindiriye ukuza k’Umwami. Muri Europe, muri Scandinaviya, Australiya, mu Buseruko , Amerika y’epfo, ku mpande zine z’isi zose, barindiriye ukuza k’Umwami.

Kandi dukoraniye hano mw’ishengero ryo mu nzu, inyubako , turindiriye ukuza k’Umwami. Dufise amasaha atandukanye, ariko turi hamwe mu BUMWE, abizera, twumviriza Ijwi ry’Imana, turindiriye ukuza kwa Messiya.

Turi ihanga ry’Imana ryatoranijwe muri iki gihe kibi kubwo Izina ryiwe. Twarageregejwe hanyuma turemeza Satani yuko turi Ijambo. Turi igice cico Giti-Mugeni c’inkomoko. Turiko twitegereza ubuzima bwacu bugaragazwa kubwo Iryo Jambo .

Biroroshe ku muntu wese kwizera yuko Yesu yari inyishu kuri buri buvugishwa bwashirikijwe muri We, kuko barindiriye y’uko babibona ubugirakandi. Ariko muri iki gihe kibi c’ubu, bariko barakora ca kintu bakoze ico gihe, mukubisigura mu bundi buryo, kandi batumye abantu baja mu ruzazane kuburyo bizera ububeshi . Aho botahuye yuko ari Jambo nyene Ryagaragajwe kubwo iki gihe.

Hariho ikintu kimwe gishobora gukoraniriza hamwe Umugeni, ni ubu Butumwa. Hariho ikintu kimwe dushobora kwemeranyako, ni ubu Butumwa. Hariho Ijwi rimwe gusa ryagarajwe kuba Niko Uhoraho Agize, Ijwi ry’Imana kuri Bande.

Rero, Amashengero akanye ,y’imigenzo, itakataka, n’ibindi, Tewolojiya yashizweho n’umuntu, ntivyokoreka, Abatoranijwe ntibomerera magabo ivyo. Ariko biri hariya nk’ikntu c’ukuri. Gukura ijambo rimwe ryonyene ni ivyo mutegerzwa gukora. Ivyasezeranywe vy’igihe; Igihe gihambaye! Abakristo ahantu hose, Bitegereza ighe tubayemwo! Barandika maze bagasoma hanyuma bakumviriza bitonze.

Imana y’iki gihe kibi iriko irakora ukwo ishoboye kwose kugira ngo ihende ihanga ry’Imana ryigire kure ry’Ijwi ryaYo ryagaragajwe. Igerageza gutuma batizera Ijambo na rimwe, nk’uko yabikoze kuri Eva kw’itanguriro.

Ariko Jambo-Mugeni wa Kristo ariko aregera Umutwe. Turiko turasubira ku mugenzi wacu aho twatanguriye. Igihe c’ukuvayo kiregereje. Imana igiye kuzozira Umugeni waYo yagumanye n’Ijambo ryaYo.

Mpwemu Yera ari hano ahamagarira gusohoka Umugeni wa Kristo. Ariko arabikora mu kwemeza Ijambo ryiwe ry’Isezerano kubwiwe, kubwo iki gihe, mu kwerekana yuko ari Kristo.

Nta kintu gihambaye nk’ugukoranira hamwe n’Umugeni kw’isi yose,mwumviriza Ijwi ry’Imana Rivugana namwe ata guca ku ruhande. Ntidukekeranya, canke mbere ngo dusenge twibaza yuko ivyo turiko twumviriza yuko ari Ukuri. Kuko ni Niko UHORAHO AGIZE , IJAMBO RYAGARAGAJWE GUSA.

Nimuze mwifatanye natwe maze mwumvirize :

Kandi nyuma y’ibi bintu nabonye uwundi mumalayika amanuka avuye mw’Ijuru, afise ubushobozi buhambaye ; kandi isi yari yamurikiwe n’ubwiza bwiwe.

Kw’isaha zitandatu z’umuhingamo , kw’isaha ya Jeffersonville, mu gihe twumviriza : Imana y’iki gihe kibi 65-0801M

MweneData Joseph Branham

Ivyanditswe vyo gusoma imbere y’ukwumviriza Ubutumwa:
Matayo 24/27:15-23
Luka 17:30
Yohana1:1/14:12
Ivyakozwe n’intumwa 10:47-48
1 Ab’I Korinto 4:1-5/14
2 Ab’I Korinto 4:1-6
Abigaratiya 1:1-4
Abanyefeso 2:1-2/4:30
2 Ab’Itesalonike2:2-4/2:11
Abaheburayo 7
1Yohana1/3:10/4:4-5
Ivyahishuriwe Yohana 3:14/13:4/ibice vya 6-8 n’ibice vya 11-12/ 18:1-5
Imigani 3:5
Yesaya 14:12-14

23-0122 Ni Ukuhe Gukwegwa Kuri Kuri Wa Musozi

Ubutumwa: 65-0725E Ni Ukuhe Gukwegwa Kuri Kuri Wa Musozi

Kuvoma Ubutumwa

Ibimenyeshejwe Ibimenyeshejwe ku bijanye n’ugusobanura mu zindi ndimi bikorerwa muri Branham Tabernacle

Mukunzi Mugeni Shengero ryo Munzu,

Ni muze dukoranire hamwe maze twumvirize Ubutumwa Ni Ukuhe Gukwerwa Kuri Wa Musozi Bwavuzwe kw’igenekerezo rya 25E Mukakaro 1965 kuri uyu w’Imana isaha zitandatu kw’isaha ya Jeffersonville ( Isaha imwe y’ijoro mu Burundi)

MweneData Joseph Branham

23-0115 Abasizwe Bo Mu Gihe C Iherezo

Ubutumwa: 65-0725M Abasizwe Bo Mu Gihe C Iherezo

Kuvoma Ubutumwa

Ibimenyeshejwe Ibimenyeshejwe ku bijanye n’ugusobanura mu zindi ndimi bikorerwa muri Branham Tabernacle

Bakunzi Bakoraniriza Hamwe Intama mu Ruhongore,

Birampagije cane kandi ndakengurukira Umwami kuba umwe wese muri mwebwe mukoranira mu Ruhongore rw’Intama z’Imana buri yinga, ahantu hacu h’akabanga tunyegejwe, tugaburirwa kandi tubeshwaho na birya Bifungurwa Vyanyegejwe. Ni Uguhishura kwa Yesu Kristo, Atwigaragariza kandi Atwihishurira ubwiWe.

Yarinyegeje ubwiWe ku buryo abandi baBiraba neza kandi ntibaBibone, ariko kuri twebwe, Umugeni WiWe Yatoranije, turaBibona biri ku mugaragaro kandi twizeye Ijambo Ryose. Twagumanye n’Ijambo n’umuhanuzi wiWe mu gihe bari Umwe kandi co kimwe.

Namba uri umwana w’Imana, uzogumana n’umuhanuzi w’iyi Bibiliya. Ni Ijambo.

Abahanuzi benshi basizwe iki gihe bavuga bati, “Ni Mpwemu Yera utegerezwa kugumana naWe, si umuhanuzi.” Nk’abahanuzi ba kera, namba dufise ikibazo, hategerezwa kuba inyishu itomoye. Dutegerezwa kuja KW’IJAMBO kugira turabe ico umuhanuzi yavuze imbere yacu.

Ariko hariho Kristo Impwemu imwe y’inkomoko, kandi iryo ni Ijambo Ryihaye umubiri nk’uko Yasezeranye kubikora.

Kristo Impwemu IMWE y’inkomoko Yasezeranye, Malaki 4, Luka 17, Umwana w’Imana Yihishura ubwiWe mu mubiri w’umuntu.

Ego, hariho abantu basizwe. Ego, bafise umuhamagaro. Ego, bafise Mpwemu Yera w’inkomoko. Ego, bafise impamvu nziza n’intumbero nziza.

None tumenya iciza n’ikibi gute ?

Itegereze, barasa. Basizwe co kimwe. Ariko itegereze, « Ku vyamwa vyabo… »

Ndanka kuvuga ibi bintu ariko isaha irarenganye kandi igihe kirihuta. Ibi ni ivyavuzwe kandi vyigishijwe iki gihe n’izo mbwebwe z’inkazi Paulo yagabishije kw’ishengero, kandi abasizwe b’ibinyoma mweneData Branham yavuze ko boje. Bari ng’aha muri twebwe, neza nk’uko babivuze.

Ng’aha hari igice c’ikete ryanditswe n’umukozi w’Imana. Icamwa cabo kigerageza guterera ugukekeranya ku muhanuzi w’Imana. Bagabisha abantu babo ko turi imana mu gukurikira umuhanuzi no Gufyonda Tukavuza.

Mwumvirize ukuntu ibi ari ivy’uruhendo.

Mbabajwe n’uko iyi dayimoni yinjiye mu butumwa bwacu ku buryo ubu twita ibitabu vy’inyigisho za William Branham IJWI RY’IMANA. William Branham ntiyari mu bisanzwe ijwi ry’Imana, ariko ahubwo ijwi ry’umuntu Imana Yakoresheje. Bibiliya Ntiyigeze Ivuga ko yari ijwi ry’Imana, ariko ahubwo Bibiliya Imwerekana nk’ijwi ry’umumarayika w’Indwi. (Ivyahishuriwe Yohana 3 :14 ; 10 :7)

Tuje kw’IJAMBO kandi tureke umuhanuzi w’Imana ashire ku mugaragaro iyi nyigisho y’ikinyoma.

*Namba nabababaje mu kuvuga ivyo, mumbabarire, ariko, numvise ko bishobora kumvikana, ariko, NDI IJWI RY’IMANA KURI MWEBWE.

None uzokwizera nde, uyu muhanuzi yasizwe w’ikinyoma, canke INTUMWA MUMARAYIKA W’INDWI W,IMANA YAGARAGAJWE ? Ushobora kwicara gute munsi y’umukozi w’Imana uwo ari we wese yokwizera canke akigisha ibintu nk’ivyo ? Vyoba vyiza ugiye mw’Ijambo mu gihe hakiriho umwanya.

Ikosa riteye ubwoba ryarakoze n’umugwi w’ubutumwa mu kugira imana William Branham mu kumugira icishimikizo ntanyiganyizwa. William Branham ntiyigeze aba icishimikizo ntanyiganyizwa ! Ijambo ry’Imana ni Ryo cishimikizo ntanyiganyizwa.

Amen, Ijambo ry’Imana Ni Icishimikizo Ntanyiganyizwa Cacu. Ijambo ry’Imana Ryaje kuri nde, wewe canke WE ? Ni nde musobanuzi w’IJAMBO RY’IMANA yavuye ku Mana, wewe canke WE ? Ni nde Inkingi y’Umuriro Yagaragaje kuba Uko Niko Uhoraho Agize, wewe canke WE ?

Kubera ko ufise abantu babiri, ufise ivyiyumviro bibiri.

Ntidukeneye abantu babiri canke ivyiyumviro bibiri, dukeneye gusa ico umuhanuzi w’Imana yavuze kw’ibande.

Kandi bitegerezwa gushika ku cimikizo ntanyiganyizwa ca nyuma, kandi icishimikizo ntanyiganyizwa canje ni Ijambo, Bibiliya.

Ni ivyo, neza nk’uko wavuze, Bibiliya ni iyiwe ni Icishimikizo Ntanyiganyizwa Cacu, ariko rero avuga ati :

Ndabazi, beneData, mundaba nk’icishimikizo ntanyiganyizwa canyu.

Rero ni murindire gatoya, vyumvikana nk’ibinyuranye n’ivyo WAVUZE. Yavuze ko tumuraba ko ari Icishimikizo Ntanyiganyizwa Cacu.

Mu gihe nkurikira Imana, nk’uko Paulo yavuze mu Vyanditswe, « Mu nkurikire, nk’uko nkurikira Kristo. »

Ivyo ntibisizwe ? Ntiyari azi ico yariko aravuga ?

Ni igiki umuhanuzi w’Imana ahejeje kutubwira mw’iyinga riheze ?

Tubona ko iyo umuntu aje, arungitswe n’Imana, yagenywe n’Imana, afise UKO NI KO UHORAHO AGIZE y’ukuri, ubutumwa n’intumwa ni ikintu kimwe kandi ni co kimwe.

Yavuze ko udashobora kubitandukanya, ni co kimwe, ariko uvuga ko twotegerejwe ?

William Branham ntatandukanye n’umuntu uwo ari we wese apfa, kuko yari umuntu w’ibimeze nk’ibishobisho, nk’uko Eliya yari ameze.

Amen, yari umuntu gusa ata nkeka, ariko yari UMUNTU Imana Yatoye guhishura Ijambo ryaYo Ryose, no kuturongorera mu Gihugu c’Isezerano. Yari uwo Imana Yavuze, zana abantu kuKWizera .

Co kimwe, yasizwe, yigisha Ubutumwa Bwiza bwa pentekoti, ariko ahakana isezerano ry’igihe ca none ry’Ijambo Ryagaragajwe. « Yesu Kristo Wawundi ejo, uno munsi n’ibihe bidashira. »

Tumenya gute itandukaniro namba ari abasizwe na Mpwemu Yera b’ukuri ? Aduha uburorero kugira tumenye abahanuzi b’ibinyoma ku muhanuzi w’ukuri.

Balamu na Mose, Mikaya na Zedekiya, Yeremiya na Hananiya. Muri co gihe cose, bose bari abahanuzi b’Imana basizwe, ariko ico atubwira gukora, GUMANA N’UMUHANUZI W’IMANA YAGARAGAJWE. Ubwo ni bwo buryo BWONYENE bwo kumenya neza ko ukurikira Inzira Imana Yateguye, kandi uri mu bugombe butunganye bwaYo.

Na jewe jenyene ndi hafi igihe Abikora. Nari ijwi ryonyene Yakoresheje, kubivuga. Ntivyari ivyo nari nzi ; ni ico nihebeye gusa jewe ubwanje, ico Yavugiyemwo.

Ivyo ni vyo Umugeni Ashaka kandi Akeneye gusa. Ijwi Rimwe. Ubutumwe Bumwe. Intumwa imwe.

Yooo Data, ese ukuntu dukenguruka ku buntu n’imbabazi vyaWe kuri twebwe. Watubwiye ko ata kintu na kimwe kidashoboka kuri weWe. Nta kintu na kimwe kidashoboka hamwe natwe. Kuko ibintu vyose bishobokera abizeye, kandi TURIZEYE.

Ni muze dufatanye kuw’iyinga isaha zitandatu ku mutaga, kw’isaha y’i Jeffersonville(isaha imwe y’ijoro mu Burundi), mu gihe dufise Ijwi Ry’Imana Ryatoranijwe Ritubwira ku vyerekeye Abasizwe b’Igihe c’Iherezo, Ubutumwa Bwavuzwe kw’igenekerezo rya 25 mukakaro mu gitondo, umwaka wa 1965.

MweneData Joseph Branham.

23-0108 Imfungurwa Za Mpwemu Mu Gihe Gikwiriye

Ubutumwa: 65-0718e Imfungurwa Za Mpwemu Mu Gihe Gikwiriye

Kuvoma Ubutumwa

Ibimenyeshejwe Ibimenyeshejwe ku bijanye n’ugusobanura mu zindi ndimi bikorerwa muri Branham Tabernacle

Bakunzi Bashakashatsi b’ubutare,

Hariho iriba rya arutwaze ry’Uguhishurirwa ridudubiriza imbere muri twebwe nk’uko bitigeze bibaho mbere. Twarumvise ubu Butumwa ubuzima bwacu bwose, kandi twamye twizeye Ijambo Ryose, ariko ubu Ryabaye Iryagaragariye muri twebwe nk’uko bitigeze bibaho mbere.

Ubu ni wo mwanya, ubu ni co gihe turiko turafungura ku bintu vy’akabanga vy’Imana binyegejwe isi. Ikintu abo bantu batwenga ni co kintu dusengera. Ikintu abo bantu bita « ubusazi », tucita « Igihambaye ! » Imana Yaduhishuriye ko hariho inzira imwe yonyene yo kuba Umugeni WaYo, ni GUFYONDA TUKAVUZA.

Ariko Imana Ishimwe, dufise Ibifungurwa vyanyegejwe, Ibifungurwa vya mpwemu, ku buryo tubayeho ku buntu n’imbabazi ry’uguhishura kwa Yesu Kristo muri iyi minsi ya nyuma, Yigaragaza ubwiWe mw’ihanga ryiWe.

Hamwe n’Ubutumwa Bwose Umugeni Yumva, Atwemeza ko ari Ubugombe Butunganye BwiWe. Si ivyo TWIYUMVIRA ko Avuga, canke ivyo TWIYUMVIRA ko bisigura, NI NEZA NA NEZA ivyo Avuga kandi abandi ntibashobora gusa kuBibona ; barahumishijwe. Imana YaraBinyegeje. BaraBiraba neza, ariko ntibaBibona. Kuri twebwe, NI VYO TUBONA GUSA.

Mu gihe tuba dukoranye buri yinga, si twe tubona turumvise ivyo Aja kutubwira no kuduhishurira. Kuri uyu w’inyinga, Ntazoduha utuvunji tw’inzahabu duto duto twanyegejwe, Agiye kuzoduha ikirundo nyamukuru c’ubutare maze AGISUBIREMWO N’URWAMO RWINSHI yongere Agisubiremwo kugira ngo Amenye neza ko twaBitahuye.

• Umuhanuzi yari yarabaye igihe kirekire cane mu Nyonga h’Imana, abanahuzi bo mw’Isezerano Rya Kera, canke igihe ico ari co cose, igihe baba mu Nyonga h’Imana gushika aho bacika Ijambo, Ubutumwa Bwabo ni Ijambo ubwaRyo. Kandi, mwibuke, yavuze « UKO NIKO UHORAHO AGIZE. »

• Tubona ko igihe umuntu aje, arungitswe avuye ku Mana, yagenywe n’Imana, afise UKO NIKO UHORAHO AGIZE y’ukuri, ubutumwa n’intumwa biba ari kimwe kandi ari co kimwe.

• Rero igihe umuntu aje afise UKO NIKO UHORAHO AGIZE, we n’Ubutumwa ni ikintu kimwe.

• Ijuru Rirabitangaza, Bibiliya Irabitangaza,Ubutumwa burabitangaza, vyose ni co kimwe.

• Umuhanuzi, Ijambo, Ubutumwa ; intumwa, Ubutumwa, n’Ubutumwa, vyari co kimwe.

• Umuntu uwo ari we wese n’ubutumwa bwiwe ni ikintu kimwe.

Muravuga ivy’Ubutare bw’Inzahabu.

Namba mufise Uguhishurirwa na gukeya, nibaza ko abitomora neza, Ubutumwa n’intumwa ni CO KIMWE. Murumva ivyo yavuze… CO KIMWE!! Rero ntimushobora gutandukanya intumwa n’Ubutumwa, bakozi b’Imana.

Mutegerezwa gushira INTUMWA mw’ishengero ryanyu hamwe n’UBUTUMWA yazanye bitari uko ntimuba mwemera UBUTUMWA BWOSE. NTIMUBA MURI UMUGENI.

Yooo ! Ubugira kandi, bigira Ubutumwa n’intumwa nk’ikintu kimwe. Imfungurwa za mpwemu zirateguwe, kandi ni muri iki gihe .

Kuri twebwe, twizeye igihe c’Imana tubayemwo, intumwa Yarungitse, Ijambo Ryose yavuze; ibi bintu ni Imfungurwa Zanyegejwe.

Ese ukuntu dukunda ubu Butumwa, kandi igihe nyene twiyumvira tuti, “Hashobora kuba ibindi gute ?” Ashira ibuye ry’ukunengesera kuri Bwo mu kutubwira abo turi bo ubu.

Ntimubona ububasha bw’Imana Nzima mw’Ishengero Rizima, Umugeni ? Abarwaye barakira, abapfuye barazuka, ibimuga biragenda, impumyi zirabona, Ubutumwa Bwiza buravugwa mu nkomezi zaBwo, kuko Ubutumwa n’intumwa ari co kimwe. Ijambo Riri mw’Ishengero, muri uwo muntu.

Iryo Jambo MURI TWEBWE. Turi Ubwo Butumwa. Dufise ububasha. Ubu Butumwa na twebwe TURI UMWE!! Muravuga ivyo kururumba n’ukururumba twongera tururumba.

Umugeni ni igice c’Umugabo, Ishengero ni co kimwe na Kristo. “Ibikorwa nkora namwe muzobikora.”

Turi igice c’Umugabo!!

TURI CO KIMWE NA KRISTO!!

Mwiyumvira ko vyumvikana nk’ibihambaye ubu, kandi bihezagira umutima wanyu gusoma gusa ibi vyavuzwe n’umuhanuzi, murindire gusa gushika aho muzokwumva Ijwi Ry’Imana Ribibabwira umunwa ku gutwi kuri uyu w’iyinga isaha zitandatu ku mutaga kw’isaha ya Jeffersonville (isaha imwe y’ijoro ku mugoroba mu Burundi) igihe tuzokwumviriza Imfungurwa za Mpwemu mu Gihe Gikwiriye, Ubutumwa Bwavuzwe kw’igenekerezo rya 18 mukakaro ku mugoroba, umwaka wa 1965.

Muratumiwe kuza kwifatanya natwe. Namba mutabishoboye, MUVYONDE MUVUZE igihe ico ari co cose, Ubutumwa ubwo ari bwo bwose, aho ari ho hose, maze mwumvirize intumwa y’Imana ibazanira Ubutumwa bw’Imana.
MweneData Joseph Branham.

Niko bimeze uno munsi, ko Umutsima w’Ubugingo abana baryako, Ukurikira Ubutumwa bw’Imana, kugira ngo Bubagaburire mu gihe c’ici.

Ivyanditswe vyo gusoma imbere yo kwumviriza Ubutumwa :
1 Abami 17:1-7
Amosi 3:7
Yoweri 2:28
Malaki 4:4
Luka 17:30
Yohana 14:12

23-0101 Kugerageza Gukorera Imana Igikorwa Atari Ubugombe bw’Imana

Ubutumwa: 65-0718m Kugerageza Gukorera Imana Igikorwa Atari Ubugombe bw’Imana

Kuvoma Ubutumwa

Ibimenyeshejwe Ibimenyeshejwe ku bijanye n’ugusobanura mu zindi ndimi bikorerwa muri Branham Tabernacle

Mukunzi Mugeni Ugiye mu Gihugu c’Isezerano,

Ni igiki kigiye kuba uyu Mwaka Mushasha ?

Umugeni Yariteguye ubwiWe mu kugumana n’Ijambo. Twarafashe Isangira Ryera, twashize Ikimenyetso ku muhana wacu, kandi twarishizeko ikimenyetso ubwacu n’Ijambo ry’ukuri, Ryagaragajwe. Ntitwagize imyumvikano, ariko twagumye ubwacu turi inkumi kw’Ijwi ry’Imana ry’ukuri.

Mbega igihe c’ubwiza tubayemwo. Ni igihe abahanuzi bose bipfuje kubona ; iki gihe nyene. Turazi mu bisanzwe ko Ishengero Ryiteguriye kugenda. Amasaha ya nyuma yo kwugara ariko aregereza kandi turiko turazimanganira vuba mu Bihe Bidashira. Dutegerezwa kuguma mu murongo kandi tugumize amaso ku Nzira Imana Yateguye y’igihe cacu : Ijambo RyaYo, umuhanuzi waYo, ari we Jambo ry’igihe cacu.

Yazanye Kristo ng’aha gute ? Kubw’Ijambo ry’abahanuzi. Ni vyo ? Azozana Umugeni waYo ng’aha gute ? Kubw’ Ijambo ry’abahanuzi.

Hashobora gukorwa iki ? Ni igiki gitegerezwa gukorwa ? Yatubwiye ico dutegerezwa gukora : kubaza umuhanuzi, Bibiliya, aho tudashobora kwongerako canke gukura kuri Ryo. Namba tubikoze, Imana Idukura mu Gitabu c’Ubugingo.

Igihe kirarengeranye cane, dutegerezwa kuba mu Bugombe BwaYo Butunganye kugira ngo tube Umugeni WaYo. Nta na rimwe dushaka gukorera Imana igikorwa atari Ubugombe bwaYo naho coba cumvikana neza gute. Imana Yatanze isizerano ry’ukuntu Yari Igiye kubikora iki gihe. Imana Yabivuze ng’aha nyene mw’Ijambo ryaYo, ukuntu Yobikoze.

Umugeni WaYo IzoMutwara gute ? Kubw’ Ijambo, atari ku mukogote mushasha, atari kubw’ iciyumviro c’umunyetewolojiya munaka. Ariko bijanye n’Ijambo Ryayo IzoMumenyekanisha . Rero ntushire ikintu na kimwe kuri Ryo canke ukure ikintu na kimwe kuri Ryo . Rireke uko Rimeze. Murabona ?

Ku bantu bamwe, bishobora kuba bizazanye mu gihe hariho abahanuzi benshi basizwe bavuga ico ari co Ubugombe bw’Umwami bw’iki gihe. Bavuga bati, « Ni bibi kuvuza amabande mw’ishengero, mweneData Branham ntiyigeze abivuga. Igikorwa c’ivugabutumwa ubu ni ngira kamaro kurushiriza, kandi ni inzira yateguwe n’Imana y’iki gihe. Gumana n’umwungere wawe. »

Rero, ni vyiza kwumviriza amabande, ariko atari mw’ishengero ? Ntidutegerezwa kwizera Ijambo ryose riri ku ma bande, gusa ivyo Mpwemu Yera Atubwira ibiri kandi bitari Ijambo ? Kwumviriza igikorwa c’ivugabutumwa bizotunganya Umugeni ? Namba ntagumanye n’umwungere wanje sinshobora kuba Umugeni ? Namba mvuza amabande gusa, ndi inyuma y’Ubugombe Butunganye bw’Imana ?

Uwizera wese ashaka gukora ivyiza hamwe no kuba mu Bugombe Butuntanye bw’Imana. Nta n’umwe ashaka gukora nabi canke kuba mu ruhusha rutari Ubugombe bwaYo. Hategerezwa kuba inzira nziza kandi igororotse.

Ni abahe bavugabutumwa dutegerezwa kwumviriza… bose ? Dutegerezwa gusuzuma ivyo bavuga ko ari Ijambo iyo dutashe imuhira mu kwumviriza amabande, canke twotegerejwe gufata ijambo ryabo ? Icishimikizo Ntanyiganyizwa ni iki rero, ijambo ry’umwungere wacu, canke ico mweneData Branham yavuze kw’ibande ?

Bategerezwa kwigisha Ijambo, amen. Bategerezwa kugumiza Ijambo imbere y’abantu, amen. Ariko ntibategerezwa gufata ikibanza c’umuhanuzi w’Imana. Ntibafise akamaro gusumba Ijwi ry’Imana Ryagaragajwe. Bashobora KUVUGA IBIRI KU MA BANDE VYONYENE. Ico ni Icishimikizo Ntanyiganyizwa c’Umugeni.

Hariho ibisabwa bitanu vyawe. Bitegerezwa kuba uko. Umwanya waYo, igihe caYo, igihe Yavuze ko vyoba ; n’umuntu Yatoye; kandi bitegerezwa kuza ku muhanuzi; kandi umuhanuzi ategerezwa kuba umuhanuzi yagaragajwe.

Sindiko ndagerageza gucirako iteka igikorwa c’ivugabutumwa canke mvuge ko badavise ikibanza, Imana Ibindinde. Ndiko ndavuga gusa, ko kuvugiriza abantu Ijwi ry’Imana riri ku ma bande ari ikintu c’ingira kamaro gusumba ibindi igikorwa c’ivugabutumwa gitegerezwa gukora. Ikintu cose mvuga, canke umukozi w’Imana avuga, canke umunywanyi w’ishengero asanzwe avuga, gitegerezwa kuba ijambo ku rindi kuvy’ umuhanuzi w’Imana yavuze.

Nanka ko munshavurira kandi mwiyumvira ko ndwanya umwungere wanyu, ivyo sivyo biri mu mutima wanje. Nshaka gusa ko Umugeni Ahurizwa hamwe n’ikintu CONYENE dushobora guhurirako, UBU BUTUMWA.

Mu gihe c’ukudahuza nk’uko, uruzazane, ubutandukane hagati y’abantu, nizeye ko ubu Butumwa tugiye kuzokwumviriza kuw’iyinga ari bumwe mu Butumwa bw’ingira kamaro gusumba ubundi bw’iki gihe cacu.

Reka twugurure imitima yacu maze tubone ico Imana Ibwira ishengero, abantu bumviriza amabande, n’abantu dufatanije ku buhinga ngurukanabumenyi mu mahanga yose.

Imbere y’uko dushobora kwinjira mu Gihugu c’isezerano, hariho ikintu kinaka dutegerezwa gukora. Ijwi ry’Imana Rishaka ko twumviriza neza vy’ukuri kandi ntitunanirwe gutahura ico Avuga.

Yavuze neza nk’igihe Mose yabwira Isirayeli, amaze kugaragazwa n’Imana n’Inkingi y’Umuriro, kandi yamenye ko yemejwe kuba umukozi w’Imana wo kubarongorera gusohoka. Ariko imbere yuko binjira mu gihugu, yababwiye ati, “Uyu munsi ntanze ijuru n’isi kw’ivyabona bizobagiriza, ntimwongereko ikintu na kimwe ku vyo navuze, canke ngo mukureko Ijambo kuri Vyo.”

Rero ndavuze, mw’Izina Rya Yesu Kristo : Ntimwongereko ikintu na kimwe, ntimukureko, ntimushireko ivyiyumviro vyanyu bwite kuri Ryo, muvuge gusa ivyavuzwe kuri izo bande, mukore gusa neza na neza ivyo Umwami Imana Yabategetse gukora, ntimwongere kuri Ryo!

Ivyo ni UMWAMI MANA Yacu Adutegeka ko du shobora KUVUGA IVYAVUZWE KU MABANDE VYONYENE. Ntidushobora kwongerako, gukurako, gushiramwo ivyo tuvyibazako, ivyiyumviro vyacu, insiguro yacu kuri Ryo. Muvuge gusa ivyavuzwe ku mabande.

Namba wizeye aya majambo yavuzwe n’umuhanuzi Yagaragajwe n’Imana ko ari ukuri, rero ni gute GUFYONDA UKAVUZA bidashobora kuba ikintu c’ingirakamaro gusumba ibindi Umugeni Ashobora gukora?

Yimenyekanishije gute igihe Yaza ? Mu muntu afise impwemu ya Eliya kuri we, yasohotse avuye mu bugaragwa. Azokwimenyekanisha ku mugeni WiWe gute ? Yasezeranye co kimwe muri Malaki 4, imbere yuko Ahonya isi, nk’uko vyari bimeze mu minsi ya Sodomu.

Mukunzi Mugeni w’Igihugu c’Isezerano, ufise UGUHISHURIRWA kw’ukuri. Uri mu Bugombe Butunganye bw’Imana. Waramenye uwo uri we. Uri mu Mugambi w’Imana mu Gufyonda Ukavuza. Uri Ijambo. Uri igice c’Umukwe. IMANA ISHIMWE !!!

Ni ubuhe buryo bwo gutangura Umwaka Mushasha. Umugeni Yunze ubumwe, Akurikira itegeko ry’Imana mu Gufyonda Akavuza.

Ni muze ubwanyu mwitegurire Izamurwa hamwe natwe isaha zitandatu ku mutaga kw’isaha y’i Jeffersonville, (isaha imwe y’ijoro mu Burundi), mu gihe twumviriza “Kugerageza Gukorera Imana Igikorwa Atari Ubugombe bw’Imana” Ubutumwa bwavuzwe kw’igenekerezo rya 18 mukakaro umwaka wa 1965M.

MweneData Joseph Branham

Ivyanditswe vyo gusoma imbere yo kwumviriza Ubutumwa:

Gusubira mu Vyagezwe 4:1-4
Gusubira mu Vyagezwe 4:25-26
1Ingoma 13
1 Ingoma 15:15
Zaburi 22
Mariko 7 :7
Yoweri 2 :28
Amos 3 :7
Malaki 3
Matayo 11:1-15
1 Abakorinto 13:1

22-1231 Ukunyinyurana

Ubutumwa: 62-1231 Ukunyinyurana

Kuvoma Ubutumwa

Ibimenyeshejwe Ibimenyeshejwe ku bijanye n’ugusobanura mu zindi ndimi bikorerwa muri Branham Tabernacle

Mukunzi Busho bwo ng’aha,

Nipfuza ko tugira Isangira Ryera ubugira kandi mu mihana yacu ku Munsi Mukuru w’Umw aka Mushasha, kw’igenekerezo 31 kigarama. Amabwiriza y’ukuntu turonka umuvinyu, n’ukuntu ducumba umukate w’Isangira Ryera bishobora kuboneka ku mbuga zikurikira. Urubuga rushobora kuvomamwo ijwi ry’igikorane ruzoboneka vuba ku rubuga rwacu. Canke, ushobora kuvuza ijwi ry’igikorane murikuye ku rubuga rwa Lifeline.

Ku bo ng’aha mu micungararo ya Jeffersonville, mushobora gutora umuvinyo w’Isangira Ryera ku wa gatanu, igenekerezo rya 30 kigarama, hagati y’isaha indwi n’isaha icumi ku muhingamo, munsi y’igisenge c’Ijwi ry’Imana.

Tuzokwumviriza Kunyinyurana, Ubutumwa Bwavuzwe kw’igenekerezo rya 31 kigarama 1962, guhera isaha icumi n’imwe ku muhingamo ku wa gatandatu(isaha 6 z’ijoro hano mu Burundi) igenekerezo rya 31 kigarama. MweneData Branham amaze kuzana Ubutumwa bw’Ugukesha kw’Umwaka Mushasha, tuzohagarika ibande maze tugire nk’iminota icumi y’indirimbo zo gutazira mu gihe twitegurira Isangira ry’Umwami. Tuzosubizamwo ibande aho mweneData atangurira igikorane c’Ingaburo Yera. Kuri iyi bande, yakuyemwo igice c’igikorane c’ukwozanya ibirenge, ari vyo natwe tuzokurikiza.

Mu gihe duhindukiriye ku wundi mwaka mu Gikorwa CiWe, dusubire kuMushikanira ubuzima bwacu gushasha mu kubanza kwumviriza Ijambo RyiWe, hanyuma gusangira rero Isangira Ryera RyiWe. Mbega akaryo k’igiciro dufise ubugira kandi kugira imihana yacu Igicaniro co guha kaze Umwami w’Abami kugira ngo Yinjire maze Afatanye natwe.

Imana Ibahezagire.

Mwene Data Joseph.

22-1218 Mbega Imana Yoba Yigera Ihindura Ivyiyumviro VyaYo Kw Ijambo RyaYo?

Ubutumwa: 65-0418E Mbega Imana Yoba Yigera Ihindura Ivyiyumviro VyaYo Kw Ijambo RyaYo?

Kuvoma Ubutumwa

Ibimenyeshejwe Ibimenyeshejwe ku bijanye n’ugusobanura mu zindi ndimi bikorerwa muri Branham Tabernacle

Bakunzi ba Mesiya batoya,

Turi abasizwe n’Imana ; basizwe na Mpwemu WaYo umwe, n’ibikorwa bimwe, n’Ubushobozi bumwe, n’ibimenyetso bimwe. Vyava ku nkukuma bija ku nkukuma, biva kw’Ijambo bija kw’Ijambo, gushika aho ukunengesera kwa Yesu Kristo kugaragazwa mu mibiri yacu yose, mu vy’umubiri, mu vya mpwemu, canke ico dukeneye cose. Burya Bushobozi buzana ubuzima bwibera kandi bugerera muri twebwe. Turi ba Mesiya batoya b’Imana.

Buri yinga Uguhishurirwa kw’ubu Butumwa ; abo turi, aho tuva, n’aho turiko turaja, kugenda kurushiriza kuba uguhambaye. Turibaza n’igishika cinshi, ukuntu kwoshobora kuba ukw’ubwiza kurushiriza ? Ukuntu kwoba ukugaragara birushirije ? Ariko hamwe n’ibande yose nshasha twumviriza, Imana Ivugana natwe umunwa ku gutwi kandi Ihishura vyinshi vy’Ijambo RyaYo kuri twebwe, kandi Iraturemesha, ABO TURI.

Icipfuzo gihambaye gusumba ibindi c’umutima w’uwizera wese ni ukuba mu BUGOMBE BUTUNGANYE bw’Imana. Nta na rimwe dushaka kuba mu ruhusha rutari ubugombe bwaYo. Imitima yacu iramanyagurika kandi turajanjagurwa iyo twumva ko twakoze ico ari co cose kitoYihimbara. Turazi ko Imana Ifise Ubugombe Butunganye, kandi dushaka gusa kuba mu MUGAMBI W’UBUGOMBE BWAYO BUTUNGANYE.

Mu buzima bwanje, nafashe ingingo ikomeye mu kuvuga ko nizeye ko ikintu c’ingira kamaro kuruta ibindi uwugize Umugeni wese ashobora gukora, bose hamwe abaKristo basanzwe n’abakozi b’Imana, ni UGUFYONDA UKUVUZA. Nizeye ko ari Ijwi ry’Imana Rwagaragajwe RYONYENE ry’iki gihe cacu dutegerezwa kwumviriza no kugamburukira Ijambo Ryose.

Navuze ko nizeye ko umukozi w’Imana akeneye kugarukana mweneData Branham kuri alutari zabo no kuvuza amabande mu mashengero yabo, mu gihe ari ryo Jwi rimwe ry’ingirakamaro gusumba ayandi abantu bategerezwa kwumviriza.

Nararonse abanegura benshi mu buzima bwanje kubera kuba narerekanye aho mpagaze ku vyo nizera ko ari Umugambi waYo n’Ubugombe bwaYo butunganye. Ntivyatahuritse kandi bavuze ko ntizeye amabango atanu yo mu Banyefeso 4.

Naravuze kenshi, kenshi ko atari vyo. Sinigeze mvuga, canke nizere ivyo. Hariho benshi bahinduye amajambo yanje maze babwira abantu ibintu ntigeze mvuga canke nizera, ariko vyategerezwa kuba gurtyo.

Hategerezwa kuba ukuri kw’Ijambo rya Bibiliya. Namba uvuga ko wizeye ubu Butumwa, rero dutegerezwa gufata ivyo umuhanuzi yavuze, mu gihe ari insiguro nyene y’Ijambo ry’Imana. Kuko we ni umusiguzi WENYENE w’iryo Jambo.

Iyo mba nategerezwa kubaza umwe wese muri mwebwe nti, “Ni nde ashaka kuba mu bugombe bw’Imana butunganye?” Umwe wese muri mwebwe yovuga ati, “EGO, ico ni icipfuzo c’umutima wanje.” Rero dutegerezwa kuraba ku co umuhanuzi yavuze ko ari Ubugombe bw’Imana Butunganye.

ICITONDERWA : Namba ubu Butumwa buri kw’ibande atari Icishimikizo Ntanyiganyizwa cawe, kandi utizeye Ijambo Ryose, HAGARIKA GUSOMA IRI KETE. Kubwanje, nturi uwizera, rero si ivyawe. Nshobora kugumana n’ivyo Imana Yavuze kw’ibande gusa.

Dushaka ivyo Yavuze ; atari ivyo ishengero ryavuze, ivyo Umuhinga Jones yavuze, ivyo uwundi muntu munaka yavuze. Dushaka ivyo UKO NIKO UHORAHO AGIZE yavuze, ivyo Ijambo Ryavuze.

Dutegerezwa ubwacu kwubaha Ubugombe bwaYo n’Ijambo RyaYo. Ntidutegerezwa kuRyibazako. Dutegerezwa kuRyizera gusa. Ntugererageza kurondera uburyo bwo kuRica iruhande. Rifate gusa uko Rimeze.

Benshi cane bashaka guca iruhande no kuja mu yindi nzira kanaka. Ni wabikora, Imana Izoguhezagira, ariko uriko ukorera mu ruhusha rutari Ubugombe bwaYo, kandi atari mu Bugombe bw’Imana Butunganye. Imana Izokwemerera gukora ikintu kinaka, kandi Inaguhezagire mu kubikora, ariko ntibuba buraba Ubugombe bwaYo butunganye.

Imana Yarungitse intumwa mumarayika w’indwi waYo kw’isi gusohora Umugeni waYo. Twizeye ko yari Umwana w’Umuntu Yihishura ubwiWe mu mubiri w’umuntu. Ni Ijwi nyene ry’Imana Ryafashwe kw’ibande kandi Ryabikiwe Umugeni WaYo.

Imana ubwaYo yabwiye umuhanuzi waYo, ngo “ni wazana abantu kukwizera WEWE, nta na kimwe kizohagarara mu nzira yawe.” Yari uwatorewe n’Imana kurongora Umugeni WaYo. Nta n’umwe ashobora gufata ikibanza ciwe. Uko ba Kora bahaguruka bangana , canke ba Datani uko bangana, yari William Marrion Branham Imana Yahamagariye kurongora Umugeni waYo.Uyu ni Umugambi w’Imana n’UBUGOMBE BWAYO BUTUNGANYE.

Namba abantu badashaka kugendera mu Bugombe bwaYo Butunganye, Ifise uruhusha rutari ubugombe bwaYo Ikureka ukagenderamwo.

Rero, Imana Ni Nziza…Irungika Ijambo RyaYo. Namba utizeye Ijambo RyaYo, rero Ishira mw’Ishengero ibikorwa bitanu bitandukanye. Ubwa mbere, intumwa, abahanuzi, abigisha, abungere, abavugabutumwa. Bariho kubw’ugutungana kw’Ishengero.

Rero, igikorwa c’Imana cahagurukijwe gusa kuko abantu mu bihe vyarenganye batokwemeye UMUGAMBI W’UBUGOMBE BUTUNGANYE W’Imana; Ijambo ryaYo ryavuzwe n’ umuhanuzi wayo. Dutegerezwa gusa kwizera Ijambo umuhanuzi w’Imana yavuze. Ntidukeneye uwundi muntu canke ikindi kintu.

Rero igikorwa c’ivugabutumwa ni ukugarukana abantu mu Mugambi w’Ubugombe bwiWe butunganye, ari co: KUGUMANA N’AMABANDE, KUKO NIWO MUGAMBI UTUNGANYE W’IMANA. Rero ugumiza urya MUGAMBI W’UBUGOMBE BUTUNGANYE imbere yabo igihe cose mu : GUFYONDA UKUVUZA.

Utegerezwa kugaruka maze ugahera aho watanguriye, canke aho wahagarariye, no gufata Ijambo Ryose Ry’Imana.

None n’iki utegerezwa gukora kugira ngo ube mu BUGOMBE BWAYO BUTUNGANYE : Gufyonda Ukavuza.

Abungere bategerezwa gukora iki kugira ngo babe mu BUGOMBE BWAYO BUTUNGANYE : Gufyonda Bakavuza.

Ni igiki umuhanuzi w’Imana yakoze igihe yaja mu bikorane ? Gusengera abarwaye gusa, n’ibintu nk’ivyo ? Yavuga ibintu mu buryo buziguye ku buryo intama zovyumva, kuko tuzi Ico Yavuga. Ahandi ho, cari icambu kw’igera. Yaberetse ibimenyetso nko gusoma ivyiyumviro, kandi yari azi amabanga yari mu mitima yabo, kugira ngo akabure abantu gusa. Ariko rero yavuze ikintu c’ingirakamaro gusumba ibindi :

Ikintu ca mbere mwomenya, ibande yakorokeye mu nzu yabo. Biratahuritse, rero. Namba ari intama, izoza neza hamwe nayo. Namba ari impene, izoterera ibande hanze.

Mbega uri intama canke uri impene ? Umugwi mutoya w’Imana utumbereye kuri iryo Jambo. Turi mu Bugombe bwaYo Butunganye mu Gufyonda Tukavuza nk’uko vyamye, kandi biri, umugambi waYo w’inkomoko.

Gumana neza n’Ijambo RyaYo, kuko ivyo ni vyo bigiye kuzosohoka kw’iherezo, Ijambo, Ijambo kw’Ijambo. “Uwo ari we wese azokurako Ijambo Rimwe kuri Ryo, canke yongereze ijambo rimwe kuri Ryo!” Ritegerezwa kuguma ari, rirya Jambo.

Ndakengurukira Umwami cane kumenya, mu Guhishurirwa kwa mpwemu, ko ndi mu Bugombe bwaYo Butunganye bijanye n’Ijambo RyaYo. Sinongerako insiguro yanje kuri Ryo, canke ugutahura kwanje kuri Ryo, ariko numva n’amatwi yanje bwite ico ari co UKO NIKO UHORAHO AGIZE hamwe n’Ubugombe bwaYo Butunganye .

Ndabatumiye kuza no gusesengura hamwe natwe kuri uyu w’iyinga isaha zitandatu ku muhingamo kw’isaha y’i Jeffersonville (isaha imwe y’ijoro mu Burundi), mu gihe tuzokwumviriza : Mbega Imana Irigera Ihindura Iciyumviro caYo kw’Ijambo Ryayo ? Ubutumwa bwavuzwe kw’igenekerezo rya 18 ndamukiza ku mugoroba, umwaka wa 1965. Harimwo utuvunguka twinshi tw’izahabu muri ubu Butumwa, mugiye kuba ABATUNZI muri Mpwemu Yera WaYo ni twabikora.
MweneData Joseph Branham.

Ivyanditswe vyo gusoma :
Kuvayo igice ca 19
Guharura 22:31
Matayo 28:19
Luka 17:30
Ivyahishuriwe Yohana igice ca 17

22-1211 Ni Uguseruka Kw Izuba

Ubutumwa: 65-0418M Ni Uguseruka Kw Izuba

Kuvoma Ubutumwa

Ibimenyeshejwe Ibimenyeshejwe ku bijanye n’ugusobanura mu zindi ndimi bikorerwa muri Branham Tabernacle

Mukunzi Shengero ry’Inkomezi

Umuntu yamye yipfuza mu mutima wiwe kuba nka Aburahamu igihe yari muhira iwe umuhingamo umwe nk’isaha zitanu. Yunamuye amaso maze abona abagabo batatu baje bamugana bafise umukungugu ku myambaro yabo. Yarirutse ningoga abagana maze avuga ati, « Mutungwa. » Yari Melekisedeki Ahambaye Ahagaze imbere yiwe, mu mubiri w’umuntu Avuga.

Kuri uyu w’iyinga, ico cipfuzo kiri mu mitima yacu kizoba kuri umwe wese muri twebwe. Tuzoba dukoraniye hamwe kw’isi yose, twumviriza Urya Melikisedeki Ahambaye nyene Avugana NATWE. Umuntu Atagira se, nta nyina, nta tanguriro ry’iminsi canke iherezo ry’ubuzima, Imana, Yihinduye, Ivugana natwe biciye mu kanwa k’umuntu, neza nk’uko Yakoze urya munsi kuri Aburahamu.

Nta bundi buryo bwo kwumva rirya Jwi kiretse UFYONZE UKAVUZA. Ntihari bwigere haba igihe muri kahise aho Umugeni Yahurijwe hamwe kw’isi yose no kwumviriza Ijwi rya Melikisedeki Rivuga mu mwanya umwe neza na neza. Imana Iriko Irahuriza hamwe Umugeni WaYo na Rirya Jwi.

Twararonse Ijambo Ry’Imana, imyaka myinshi. Ubu dufise Imana y’Ijambo, murabona, kandi ng’aha nyene tugendera Ijambo RyaYo. Rero ni ukuri, kimwe mu bimenyetso vya nyuma bihambaye vyasezeraniwe Ishengero imbere y’Ukuza kw’Umwami.

Uyu w’iyinga, Umugeni Agiye kuronka Ubutumwa bwa Pasika muri kigarama ; kandi mbega Ubutumwa tugiye kwumviriza.

Ibikorwa vy’ubwenge bw’umuntu, Inkomezi, Ubushobozi butanga ubuzima, Kristo Yazutse, Abana b’Imana Bagaragajwe. Iyo mpwemu nyene yaba muri Kristo iba muri twebwe. Ubwo Buzima nyene, inkomezi zimwe, benevyo nyene, Yari Afise, turabifise. Icemezo ntasubirwamwo c’itongo. Urubuto rwa mbere Rweze Rwazungagijwe imbere y’abantu. Ubu turi ubura bw’ubura bwaYo, igufa ry’igufa ryaYo; Ubuzima bw’Ubuzima bwaYo, Inkomezi z’Inkomezi zaYo ! Turi Yo!

Yesu Kristo Yazutse; Melekisedeki UbwiWe, Azosemerera maze ATUbwire Ati, “Mfise Ijwi RyaNje Ryafashwe mu majwi kandi Ryashizwe kw’ibande ku buryo Noshobora kubakwegera kuri Jewe, kandi Noshobora kuvugana namwe nk’uko Navuganye na Aburahamu. Nshaka ko muNyumviriza bidaciye ku ruhande.

Muri Ishengero RyaNje Ryatoranijwe, Ryagenywe mbere! Imibiri yanyu ni urusengero rw’Inkomezi, kuko kuva mbere na mbere mwari igice c’ibikorwa vy’ubwenge bw’umuntu.

Ukwo ni kurya guhishura kuvuye ku Mana kw’Ijambo Ryihaye umubiri. Namba Ryari umubiri muri kirya gihe mu Mwana, Umukwe, Ni umubiri uno munsi mu Mugeni. Murabona ?

Izo Nkomezi Zizana Ubuzima, zibayeho muri twebwe. Ntidutegerezwa gutinya NA KIMWE. Uwo Mpwemu Umwe Yari muri We, ubu Ari muri twebwe kandi Agira muzima umubiri wacu upfa. Ntituvyizigiye, TURABIZI. Twamaze kubikora, Yarabidukoreye.

Rero, mu guheraheza umuhingamo, Melikisedeki Azovuga, Avuge rindi rimwe kandi Avuge ;

Aba bantu, abenegihugu b’Ubwami, bene Ubushobozi buzana ubuzima, Bugire buzima kuri bo, Mwami, ubu nyene. Kandi ese Mpwemu Yova ku nkukuma Ija ku nkukuma, Yova kw’Ijambo Ija kw’Ijambo, gushika aho ukunengesera kwa Yesu Kristo kugaragara mu mibiri yose, mu vy’umubiri, vya mpwemu, canke ico bakeneye cose, mu gihe turambikanyeko ibiganza. Mw’Izina Rya Yesu Kristo.

Kuva ku nkukuma uja ku nkukuma, Ijambo kw’Ijambo, ukunengesera kwa Yesu Kristo kuzogaragazwa mu mibiri yacu yose. IMANA ISHIMWE !

Ibi gusa bishobora gushika mu GUFYONDA UKUVUZA, rero muze mufatanye natwe kandi dusangire muri yubire y’ugufungura ku Mfungurwa Zabitswe, mu gihe tuzokwumviriza Rirya Jwi, kuw’iyinga isaha zitandatu ku muhingamo, kw’isaha ya Jeffersonville, (isaha imwe mw’ijoro mu Burundi) Rizotuzanira Ubutumwa, Ni Uguseruka kw’Izuba, Bwavuzwe kw’igenekerezo rya 18 ndamukiza mu gitondo umwaka wa 1965.

MweneData Joseph Branham

Ivyanditswe vyo gusoma :
Abalewi 23:9-11
Matayo 27:51
Matayo 28:18
Mariko 16:1-2
Luka 17:30
Luka 24:49
Yohana 5:24
Yohana 14:12
Ivyakozwe n’Intumwa 10:49
Ivyakozwe n’Intumwa 19:2
Abaroma 8:11
1 Abatesaloniki 4:16
Abaheburayo 13:8