Ibimenyeshejwe Ibimenyeshejwe ku bijanye n’ugusobanura mu zindi ndimi bikorerwa muri Branham Tabernacle
Mukunzi Mugeni wa Kristo,
Mbega igihe c’ubwiza Umugeni azoba afise muri iyi mpera y’iyinga ya Pasika. Nizera ko bizoba bimwe mu bintu bihambaye vy’ubuzima bwacu; igihe tutazokwigera twibagira na rimwe. Impera y’iyinga y’intibagirana.
Pasika yose cabaye igihe kidasanzwe ku Mugeni, mu gihe twugara inzugi zacu kw’isi yo hanze mu kuzimya ibikoresho vyacu vyose n’ibisamaza vyo mw’isi, maze tugasubira gusa kuMushikanira ubuzima bwacu. Ni impera y’iyinga yose tuMushikaniye mu gusenga, mu gihe tuvugana na We ku munsi ku munsi, hanyuma rero tukumva Ijambo RyiWe.
Ariko iyi mpera y’iyinga izoba itandukanye, kandi idasa n’iyindi n’imwe mpera y’iyinga ya Pasika twigeze tugira.
Igihe Umwami Yashira ku mutima wanje kwumviriza Udushashara, nta ciyumviro nari mfise c’ingene ivyo vyari kugwa ku kirangaminsi. Ariko nk’uko vyama, igihe ciWe kiratunganye. Haciye iminsi ibiri y’iyinga twaratewe iteka ryo kwumviriza Agashashara ka 4, Igihe c’Inkukuma, kw’igenekerezo rya 6 ukwezi kwa kane, umunsi w’amavuko y’umuvugishwa; ese ukuntu vyari bibereye.
Ariko ubu, Umwami Aratubikiye n’ibindi vyinshi. Nk’uko nabivuze, igihe numva Umwami Ashize ku mutima wanje kuvuza Udushashara, naramenye ko vyofata amayinga menshi yo guheza kuzivuza mu gihe hari Ubutumwa 10 muri urwo rukurikirane.
Uko naraba ku kirangaminsi, nabonye ko Pasika yaguye imbere y’uko duheza kwumviriza urukurikirane rwose. Naciye nibwira muri jewe nti, ndakeka ko dutegerezwa guhagarika kwumviriza Udushashara kandi ko Azompa Ubutumwa bwa Pasika.
Mu kanya gatoya nabonye…bizoba BITUNGANYE. Turashobora kubandanya tuvuza Udushashara kandi Agashashara k’Indwi kazovuzwa ku munsi w’iyinga wa Pasika mu gitondo. Sinashobora kuvyemera, vyari bihuye neza n’urutonde. Namenye ico gihe nyene nti, UYU NI WEWE MWAMI.
Naranezerewe cane kandi ndindiranye igishika cinshi cane igihe cacu ca Pasika turi kumwe twese, kandi turi kumwe na We. Namenye ko Ari We Yaduteguriye urutonde.
Gutyo, Umwami ni Yabishaka, tuzobandanya kwumviriza Udushashara mu mpera y’iyinga yacu idasanzwe cane ya Pasika.
KU WA KANE
Hari ku munsi wa kane mw’ijoro aho Umwami Yesu Yafata Ingaburo ya nyuma Ari kumwe n’abigishwa biwe, mu kwibuka Pasika y’imbere y’ukuvayo kw’abana ba Isirayeli. Mbega akaryo dufise ko gusangira n’Umwami mu mihana yacu, imbere y’impera y’iyinga yacu yera, tukamusaba ngo Aduharire ivyaha vyacu, kandi Aduhe ivyo dukeneye vyose mu rugendo rwacu.
Reka dusenge n’imiryango yacu isaha zitatu mu gitondo (isaha icenda ku mutaga kw’isaha yo mu Burundi), hanyuma rero dusubire isaha zitandatu ku mutaga (isaha cumi na zibiri ku mugoroba kw’isaha yo mu Burundi), dutumire Umwami ngo Abane natwe, Yuzuze inzu zacu Mpwemu Yera mu gihe twishikana ubwacu kuri We.
Ese ubwenge bwacu bwosubira kuri urya munsi i Kaluvariyo, ubu hakaba haciye nk’imyaka 2000, kandi tukabona Umukiza wacu Amanitse ku musaraba, hanyuma rero tukiyemeza gutyo nyene kwama dukora ibihimbara Data :
Kandi namba uyu munsi ari uwuhambaye cane, umwe mu minsi ikomeye, reka turabe mu mice itatu itandukanye ico uwo munsi usigura kuri twebwe. Twoshobora gufata ijana. Ariko, muri iki gitondo, natoye gusa ibintu bitatu bitandukanye, bihambaye cane dushaka kuraba, mu bihe bike bikurikira, ivyo Kaluvariyo Yasigura kuri twebwe. Kandi ndasenga ko bicira urubanza umunyavyaha wese ari ng’aha; bigatuma uwera wese aja ku mavi yiwe; ivyo biratuma umuntu wese arwaye ashira ukwizera kwiwe ku Mana, maze agende, akize; umunyavyaha wese, akizwa; uwasubiye inyuma wese agaruka, kandi amaramazwa ubwiwe n’uko ari ; kandi uwera wese, anezerwa, kandi agira umwete mushasha n’ivyizigiro bishasha.
Hanyuma isaha zitandatu n’igice ku mutaga (isaha cumi na zibiri n’igice ku mugoroba kw’isaha yo mu Burundi), twifatanye mu ngo zacu kugira ngo twumvirize: 63-0323 Agashashara ka Gatandatu.
Dusubire twifatanye twese mu masengesho isaha zitatu mu gitondo (isaha icenda ku mutaga kw’isaha yo mu Burundi) hamwe n’isaha zitandatu ku mutaga (isaha cumi na zibiri ku mugoroba kw’isaha yo mu Burundi), maze dutegure imitima yacu ku bintu bihambaye Azodukorera hagati yacu.
Ndashobora kuMwumva Avuga Ati: “Satani, ngwino hano !” Ni We Mutegetsi ubu. Arashika, Akura urwo rufunguzo rw’urupfu na kuzimu ku mafyinga yiwe, Arushira ku mafyinga yiWe Bwite. “Ndashaka kukumenyesha. Wabaye umuhumvyi igihe kirekire bikwiye. Ndi Umwana w’Imana Nzima Yavutse ku nkumi. Amaraso yaNje Aracatose ku musaraba, kandi umwenda wose wararishwe! Nta burenganzira ugifise. Urambuwe. Mpereza izo mfunguzo ! »
Hanyuma isaha zitandatu n’igice (isaha cumi na zibiri n’igice ku mugoroba kw’isaha yo mu Burundi), tuzoja hamwe twese kugira twumvirize IJAMBO : 63-0324M Ibibazo n’Inyishu ku Dushashara.
Mbega UMUNSI W’INTIBAGIRANA ugiye kuba ku Mugeni WiWe kw’isi yose.
Hanyuma dusubire dukoranire hamwe mu masengesho buno nyene inyuma y’igikorane.
K’UW’IYINGA
Tubanze ubwambere tuvyuke kare nk’uko mweneData Branham yabigize mu gitondo aho akagenzi kiwe gatoya, inyoni bita rouge gorge, kamuvyura isaha icumi n’imwe zo mu gitondo. Dushimire Uhoraho ko Yazuye Yesu mu bapfuye : Isaha icumi n’imwe iki gitondo, akagenzi kanje gatoya gafise igikiriza gitukura kagurukiye kw’idirisha maze karamvyura. Vyasa n’aho umutima wako mutoya woturitse, kavuga kati, « Yazutse. »
Kw’isaha zitatu zo mu gitondo (isaha icenda ku mutaga kw’isaha yo mu Burundi) hamwe n’isaha zitandatu ku mutaga (isaha cumi na zibiri ku mugoroba kw’isaha yo mu Burundi), reka twongere twifatanye mu ruhererekane rw’amasengesho yacu, dusengeranire kandi twitegurire kwumva Ijwi ry’Imana.
Kw’isaha zitandatu n’igice ku mutaga (isaha cumi na zibiri n’igice ku mugoroba kw’isaha yo mu Burundi), tuzohurira hamwe kugira ngo twumvirize Ubutumwa bwacu bwa Pasika: 63-0324e Agashashara k’Indwi.
Kw’isaha y’icenda ku muhingamo (isaha zitatu zo mw’ijoro kw’isaha yo mu Burundi), reka dusubire twifatanye mu gusenga, tuMushimire IMPERA Y’IYINGA NZIZA YADUHAYE TURI KUMWE NAWE HAMWE N’UMUGENI WIWE KW’ISI YOSE.
Kuri beneData na bashikibacu bo mu mahanga, nk’umwaka uheze, ndipfuza kubatumira ngo mwifatanye natwe kw’isaha ya Jeffersonville, mu bihe vyose vy’amasengesho biri kuri uru rutonde. Ariko rero, ndabona ko kuvuza amabande ku wa kane, ku wa gatanu no ku wa gatandatu ku muhingamo kw’isaha ya Jeffersonville vyoba bigoye cane kuri benshi muri mwebwe, rero ndabasavye mwumve umwidegemvyo wo kuvuza ubwo Butumwa ku gihe kiborohereye. Ariko rero, noshima ko twese twifatanya ku munsi w’iyinga isaha zitandatu ku mutaga, isaha ya Jeffersonville, (isaha cumi na zibiri ku mugoroba mu Burundi) kugira ngo twumvirize hamwe Ubutumwa bwacu bwo ku munsi w’iyinga.
Ndipfuza kandi kubatumira mwebwe n’abana banyu ngo mube mu migambi ya Creations, mu kwandika mu kinyamakuru, no mu bibazo vya YF, ivyo umuryango wanyu wose ushobora kuryoherererwa hamwe. Twibaza ko muzobikunda mu gihe vyose bishingiye kw’IJAMBO tuzoba turiko twumviriza muri iyi mpera y’iyinga.
Ku bijanye n’urutonde rw’impera y’iyinga, amakuru yerekeye ugutegura igikorane c’Isangira Ryera, ibikoresho bizokenerwa mu migambi ya Creations, Ibibazo vya Pasika, n’ayandi makuru, murabe ibiraro biri aha hepfo.
Reka tuzimye amatelefone yacu mu mpera z’iyinga ya Pasika kiretse gufata amafoto, kwumviriza Umutsima wa Buri Munsi, no kuvuza amabande ari ku rubuga rwa The Table, urubuga rwa Lifeline, canke ikiraro gishobora kuvomwako.
Ni iteka rininiya kuri jewe kubatumira mwebwe n’umuryango wanyu ngo mukoranire hamwe n’Umugeni kw’isi yose mu mpera y’iyinga yuzuye UGUSENGA, UGUTAZIRA NO GUKIRA INDWARA. Nizera ko vy’ukuri ari impera y’iyinga izohindura ubuzima bwawe ibihe bidashira.
Ibimenyeshejwe Ibimenyeshejwe ku bijanye n’ugusobanura mu zindi ndimi bikorerwa muri Branham Tabernacle
Bakunzi Baruhutse,
Turi ng’aha. Twarashitse. Ukugaragara kw’Ijambo kwaremeje ko Uguhishurirwa kwacu kw’Ubu Butumwa kuva ku Mana. Turi mu BUGOMBE BWAYO BUTUNGANYE mu kugumana n’Ijwi ry’Imana ku mabande.
Ni gute ari ngira kamaro Gufyonda Tukavuza? Amajambo twumva ku mabande arahambaye cane, ni ayera cane, ku buryo Imana ubwaYo Itashobora kuyazeza n’Umumarayika…mbere n’umwe mu Bamarayika baYo bo mw’Ijuru. Vyategerezwa guhishurirwa no kuzanirwa Umugeni WaYo n’umuvugishwa waYo, kuko uwo ni we Ijambo ry’Imana Rizako, umuvugishwa waYo, WENYENE.
Imana Yamenaguye Udushashara, Iduhereza intumwa mumarayika w’indwi waYo wo kw’isi, kandi Imuhishurira Igitabu cose c’Ivyahishuriwe Yohana. Hanyuma, Imana Iravuga biciye ku mumarayika waYo wo kw’isi kandi Ihishurira VYOSE Umugeni WaYo.
Utuntu dutoduto twose twaravuzwe kandi turaduhishurirwa. Imana Yaratwitaho cane ku buryo Itatubwiye gusa ivyabaye ng’aha kw’isi kuva mu ntango z’ibihe, ariko Yaravuze biciye ku mumarayika waYo, maze Itubwira ibiriko biraba ubu nyene ahantu hameze nka paradizo.
Ibimenyeshejwe Ibimenyeshejwe ku bijanye n’ugusobanura mu zindi ndimi bikorerwa muri Branham Tabernacle
Bakunzi Abera Bavyawe n’Ijuru,
Data Ariko Aradukoraniriza hamwe n’Ijambo RyiWe, kandi ukugaragara kw’uko Guhishurirwa kuduha ugukaburwa. Yaradutoye imbere y’uko isi iremwa, kuko Yamenye ko tuzoba abizigirwa kw’Ijambo RyiWe biciye ku guhitamwo kwacu.
Reka ndabisubiremwo kugira ngo vyinjire neza ibwina. Yaravye mu gihe cose, gushika mu gihe nyene c’iherezo ry’ibihe vyose, kandi YARATUBONYE…ivyo mwoba muravyumva? YARABABONYE, YARAMBONYE, kandi Yaradukunze, kubera mu kwihitiramwo kwacu, twari KUGUMANA N’IJAMBO RYIWE.
Ico gihe nyene, Ategerezwa kuba Yakoranirije hamwe abamarayika biwe bose n’abakerubi biwe bose maze Aratwerekana kandi Avuga Ati : “NI URIYA, » « ABO NI UMUGENI WANJE, » « ABO NI BO NARI NDINDIRIYE !”
Nka Yohana, iyo ni yo mpamvu turiko turagira uru rwamo rwose kandi dusemerera, kandi dushima Umwami, turakaburwa kuri Vino Nshasha kandi turazi, BIDASUBIRWAKO, ko TURI Umugeni WiWe.
Ni nk’imvura yose n’ibihuhusi vy’imituragaro twagize hano muri Jeffersonville muri iyi mpera y’iyinga…Natwe turiko turarungika IMBURI kw’isi.
Ese ukuntu bizoba bibereye kuri uyu w’iyinga, mu gihe tuzoba twahuriye hamwe twumviriza Agashashara Ka Kane. Uzoba ari umusi uhambaye umuhanuzi nkukuma y’Imana yavukiyeko.
Ibimenyeshejwe Ibimenyeshejwe ku bijanye n’ugusobanura mu zindi ndimi bikorerwa muri Branham Tabernacle
Mukunzi Eva wa Mpwemu, Reka ntangure ikete ryanje uno musi n’igisasu kirimbuzi c’Imana; si inkoho yo mu bwoko bwa 22, ni IGISASU KIRIMBUZI c’Umugeni wa Yesu Kristo.
Rero, namba ushaka kuvyandika; n’ukuri, mwese murabizi: Yesu, Yohana 14:12; na Yoweli, Yoweli 2:38; Paulo, 2 Timoteyo 3; Malaki, igice ca 4; na Yohana uwuhishura, Ivyahishuriwe Yohana 10:17, 1-17. Murabona, neza na neza ivyobaye ubu!
Itangazo n’imburi: Iryo jambo rikurikira ntabwo ari iryawe namba wizera.
“Dushira vyinshi cane ku muvugishwa w’Imana.” “Ntushobora kuba Umugeni namba wumviriza umuvugishwa gusa.” “Kuvuza amabande mw’ishengero ni bibi.” “Itara ryarazimye; ikintu gihambaye kuruta ibindi vyose uno munsi ni ukwumviriza igikorwa c’Imana.” “Gufyonda ukavuza bose mu mwanya umwe ni idini.”
Kandi kw’ishengero, Ni iki? Ijambo Ryahindutse umuntu Ryihaye umubiri mu bantu baYo ubugira kandi ! Murabona?
KABOOM…Rero mu gufyonda tukavuza, turashobora kwumviriza Ijambo Ryahindutse umuntu Ryihaye umubiri, Ritubwira umunwa ku gutwi uko Ihishura Ijambo RyaYo.
None umuntu yovuga ngo Si IJWI RIHAMBAYE CANE WOSHOBORA KUMVIRIZA? Iki gice c’ibivugwa ni icawe.
Kandi ntibavyizera gusa.
Uko Umwami Aduha Uguhishurirwa Ijambo RyiWe, n’abo turi bo, ni ko umuntu wese ari hanze y’uko Guhishura arushiriza kuba kure.
Reka mvuge ivyo, vy’ukuri, rero muzo…birinjira cane. Nshaka ko mutahura ibi. Iyo ni yo ngorane namwe uno munsi, murabona, ntimuzi Ijambo! Murabona?
Imana Yasize abantu kugira ngo bavuge Ubu Butumwa, ariko hariho Icishimikizo Ntanyiganyizwa kimwe conyene : Ijambo. Iyo wumvise umukozi w’Imana, canke uwo ari we wese avuga, utegerezwa kugira ukwizera kugira ngo wizere ko ivyo ariko aravuga ari NEZA NA NEZA ivyo umuvugishwa w’Imana yamaze kuvuga. Ijambo ryabo, uguhishurirwa kwabo, insobanuro yabo birashobora kwihenda; Ijwi ry’Imana Riri ku mabande NTIRISHOBORA NA RIMWE KWIHENDA.
Vuga ivy’Imana mu kwicisha bugufi mu gufyonda ukavuza…Arabivuga UBUGIRA KANDI.
BaraMuhusha, Ijambo Rizima Ryagaragajwe mu mubiri, n’Ijambo Ryasezeranywe. Ijambo Ryasezeranye gukora ibi bintu. Isezerano Ryaratanzwe, ko bizoba nk’ibi mu misi ya nyuma.
Mwumvirize Umuturagaro WiWe. Umuturagaro ni Ijwi ry’Imana. William Marrion Branham ni Ijwi ry’Imana kubwa kino gihe.
Ndi Urubuto Cami rwa Aburahamu. Ndi Umugeni wa Kristo. Narahiswemwo kandi naratoranijwe imbere y’ukuremwa kw’isi ngo mbe Umugeni WiWe, kandi nta na kimwe gishobora kubihindura. Isezerano ryose riri muri Bibiliya ni iryanje. Ni Ijambo RyiWe kuri jewe. Ndi umuragwa w’iryo Sezerano nyene. Ni Uhoraho Imana Akiza indwara zanje zose. Ivyo nkeneye vyose ni ivyanje, Imana Ni ko Yabivuze.
Imana mu kwicisha bugufi : Ukwizera kuva ku kwumva, kwumva Ijambo. Ijambo Riza ku muvugishwa.
Abandi bakoresha amajambo yavuzwe n’umuvugishwa kugira ngo babazane ku gikorwa c’Imana cabo, mw’ishengero ryabo, mu nsobanuro yabo, mu guhishurirwa kwabo. “Gumana n’umwungere wawe.” (Ego, ivyo navyo ndabikunda, kuko turabikora, ni umwungere atandukanye gusa.) “Si we wenyene ahambaye.” “Ntiyigeze avuga ngo bavuze ama bande mw’ishengero.”
Ntushireko insobanuro iyo ari yo yose yihariye. Ashaka Ijambo Ritagira agatosi, Ritavanze, nta n’ivyo kuyuba. Sinoshaka ko umugore wanje ayuba n’uwundi mugabo. Kandi iyo uja kwumviriza ubwoko bwose bw’ivyiyumviro, birenze Ivyo, uba uriko urumviriza, uba uriko urayuba na Satani. Amen! None ntibituma wumva ko uri uwa mpwemu ? Imana Ishaka ko uguma utavanze. Gumana aho nyene n’iryo Jambo. Gumana neza na Ryo. Neza.
Jewe hamwe n’inzu yanje, tuzofyonda tuvuze maze dukurikire Ijambo ry’Imana Ryihinduye umuntu Rivuga biciye ku ntumwa mumarayika waYo w’indwi. Ntituzokwongerako insobanuro yacu yihariye; ntituzoyuba canke ngo twumvirize imvo n’imvano iyo ari yo yose. TUZOGUMANA N’IRI JAMBO NK’UKO RYAVUZWE KU MABANDE. Ni Imana mu kwicisha bugufi.
Mbega igihe c’ubwiza tuzoba dufise kuri uyu w’iyinga isaha zitandatu ku mutaga, kw’isaha ya Jeffersonville, (isaha icumi na zibiri ku mugoroba mu Burundi) mu gihe tuzokwumviriza: 63-0320 Agashashara Ka Gatatu. Ndipfuza kubatumira kwifatanya natwe mu gihe tuzoba twunze ubumwe kw’Ijambo rya kino gihe.
Ikibazo: Hari ico tubuze mu kwumviriza GUSA Amabande ? Inyishu : OYA.
Ikibazo: Dushobora kuba Umugeni mu kwumviriza GUSA Amabande? Inyishu : EGO YUMVIKANA CANE RWOSE !
Rero mwibuke ngo “Nta kizohishurwa ; Imana Ntizokora na kimwe, na gato, Itabanje kubihishurira abasavyi baYo, abavugishwa.”
Gutyo, ivyo dukeneye VYOSE vyaravuzwe kandi biri ku mabande; canke, igihe umumarayika waYo w’indwi azogaruka kw’isi, Azobitubwira rero.
Ewe Mugeni, reka twiyumvire ibiriko biraba ku Mugeni wa Kristo kw’isi yose. Data Ariko Akoraniriza hamwe Umugeni WiWe n’Ijwi RyiWe kandi Ariko Aturagara Ati: “Uko ni ko Uhoraho Agize.”
Nimwibuke, Yatubwiye ico ari co Imituragaro: «urwamo rwinshi rw’Imituragaro ni Ijwi ry’Imana». Kandi Ijwi ry’Imana ku Mugeni ni irihe? Intumwa mumarayika w’indwi w’Imana, William Marrion Branham.
Yavuze ko hariho Imituragaro indwi y’ibanga Iriko Iraza mbere Itanditswe na gato. Kandi ko biciye muri iyo Mituragaro Indwi, izotuma Umugeni Ahurira hamwe kubw’Ukwizera kw’Izamurwa.
Ijambo ry’Umwami Riza ku bavugishwa biwe. Iyo Agira uburyo bwo gukora bwiza kuruta, Yari kubukoresha. Yahisemwo uburyo bwo gukora bwiza mu ntango kandi Ntashobora guhinduka, kandi Ntazohinduka.
Ishengero ntiryibajije kuva mu 1933, hariya ku ruzi urya munsi, ko William Marrion Branham ari Ijwi ry’Imana, Rituragara Riti, “Uko ni ko Uhoraho Agize,” kandi yarungitswe guhamagara, gukoranya, no kurongora Umugeni.
Ndipfuza kubatumira kuza kwumviriza hamwe natwe ku w’iyinga isaha zitandatu ku mutaga, kw’isaha ya Jeffersonville, (isaha icumi na zibiri ku mugoroba mu Burundi) mugihe Umwami Wacu Yesu Yugurura Igitabu, Amenagura Agashashara, maze Akakarungika kw’isi, ku mumarayika wiWe w’indwi, kugira ngo AKaDUhishurire!
MweneData Joseph Branham.
Igenekerezo : Kuw’iyinga 23 ukwezi kwa gatatu, 2025 Ubutumwa : 63-0319 Agashashara Ka Kabiri, Igihe : Isaha zitandatu ku mutaga, kw’isaha ya Jeffersonville (Isaha icumi na zibiri ku mugoroba mu Burundi) Ivyanditswe vyo gusoma mbere yo kwumviriza Ubutumwa : Uwera Matayo 4:8/11:25-26/24:6 Uwera Mariko 16:16 Uwera Yohana 14:12 2 Ab’i Tesalonike 2:3 Abaheburayo 4:12 Ivyahishuriwe Yohana 2:6/6:3-4/Igice ca 17/19:11-16 Yoweri 2:25 Amosi 3:6-7
Ategerezwa “gusubiza Ukwizera kw’abana kuri ba se.” Ukwizera kwa Bibiliya, kw’inkomoko gutegerezwa kugarukanwa n’umumarayika w’indwi.
Amajambo YaNje Ababwira, ko mu minsi y’Ijwi ry’umumarayika w’indwi, ukuvuga kwiwe, kuvuza inzamba y’Ubutumwa Bwiza; ategerezwa guheraheza amabanga yose y’Imana. Nta kintu na kimwe gishobora kwongerwako kandi nta kintu na kimwe gikurwako mu vyo navuze ku mabande; muvuge gusa ivyo navuze biciye ku ntumwa mumarayika waNje. Ni co gituma nabifashe amajwi, kugira ngo mushobore gusa GUFYONDA MUKAVUZA maze mwumve neza na neza ivyo navuze, n’ingene nabivuze. Bizobaha Ukwizera kw’Izamurwa.
Mukunzi waNje Mwamikazi, mu Maso YaNje, mu buryo butunganye, mu buryo budasubirwako nta caha Ugira imbere yaNje. Ntuhagarike umutima, NTUZOCA mu mibabaro; kuko wemeye Amaraso Yanje, Ijambo RyaNje, umumarayika waNje, Ijwi RyaNje, gutyo nta caha ufise rwose imbere yaNje.
Ndafise ibintu bihambaye Ndabafitiye mu bubiko. Murabona Ijambo RyaNje Ryuguruka imbere y’amaso yanyu ku munsi ku munsi. Nashize ibimenyetso mu kirere kugira ngo Ndababwire ko hariho ikintu kiri hafi kuba. Ndiko Ndaza, mwitegure. Mushire Ijambo RyaNje, Ijwi RyaNje, imbere mu buzima bwanyu.
Mushire vyose ku ruhande, nta na kimwe gihambaye kuruta Ijambo RyaNje. Ndazi ko umwansi ariko aragerageza kubakubita hasi, ariko Narabasezeraniye ko Nzobaduza. Ndi kumwe naMwe, mbere no MURI MWEBWE. Mwebwe naNje Turiko Turaba Umwe uko Ndabahishurira Ijambo RyaNje.
Murazi mu mutima wanyu, ko MURI Umugeni Umwamikazi WaNje. Murazi ko Nabatoranije. Murazi ko NdaBakunda. Murazi ko Ndi kumwe naMwe ku musegonda wose umunsi ku munsi. Murazi ko NTAZOKWIGERA NDABASIGA.
Tuzoba turiko Turagira ibihe vyiza mu gihe Nzobahishurira vyinshi k’uw’iyinga wose, ku munsi ku munsi, mu gihe MuNyumva Mvuga biciye mu murarayika waNje. Abandi boshobora kudatahura canke kubona ivyo mubona, ariko Vyaramase mu mutima wanyu ko iyo ari Inzira yaNje Yatanzwe.
Mbega ubuhungiro Nabahaye. Mushobora gusa Gufyonda Mukavuza igihe cose, ku murango canke mw’ijoro, kugira ngo mwumve Mvugana namwe. Nzozana ukwirurwa ku bugingo bwanyu mu gihe Ndabahishurira Ijambo RyaNje kandi Ndababwira abo muri bo. Ubutumwa bwose ni ubwanyu, kandi ni ubwanyu gusa. Turashobora gufatanya no gusengera hamwe igihe cose mushaka.
K’uw’iyinga isaha zitandatu ku mutaga, kw’isaha ya Jeffersonville, (isaha icumi na zibiri ku mugoroba mu Burundi) igice c’Umugeni kizoba gikoranye kw’isi yose kugira ngo cumve ayo mabanga ahambaye ahishurwa. Ndabatumiye kuza kwifatanya natwe mu gihe twumviriza, 63-0318 « Agashashara Ka Mbere ».
MweneData Joseph.
Ivyanditswe vyo gusoma mu kwitegurira kwumviriza Ubutumwa :
Ukwirurwa n’amahoro vyacu vyonyene bizanwa n’ukwumva Ijwi ry’Imana Rivugana natwe, hanyuma tugasubira kuvugana na Data mu gutanga ibimazi vya mpwemu biciye ku vyamwa vy’iminwa yacu, dushima Izina ryiWe.
Iyi si yose iriko iraniha. Ibidukikije biriko biraniha. Tuniha kandi turindiriye ukuza kw’Umwami. Iyi si ntaco idufitiye. Twiteguriye kugenda no kuja mu Mazimano yacu y’Ubukwe no Muhira Iwacu ho muri kazoza turi kumwe na We n’abo bose basanzwe bari hariya, neza hirya y’igihuzu c’igihe, baturindiriye.
Reka duhaguruke twinyiganyize! Shiture agatimanama kacu, twikangure ku biriko biraba ubu nyene n’ibizoba mu kanya nk’ako gukubita urugohe.
Nta na rimwe muri kahise k’isi vyashobokeye Umugeni wa Kristo ko Yunga ubumwe kw’isi yose, bose mu gihe kimwe neza na neza, kugira ngo Yumve Ijwi ry’Imana Rivuga kandi Rihishurira Ijambo ryaYo Umugeni waYo.
Abizera, mwibaze, ni irihe jwi, ni wuhe mukozi w’Imana, ni uwuhe muntu, ashobora guhuza no gushira hamwe Umugeni wa Kristo ? Namba uri Umugeni wa Kristo, urazi gusa ko ata rindi Jwi Ririho Atari Ijwi ry’Imana Riri ku mabande.
Ego, Mpwemu Yera Ari muri umwe wese muri twebwe, muri buri rwego rw’ishengero, ariko Imana ubwaYo Yatubwiye ko Izocira isi urubanza Yisunze Ijambo RyaYo. Umugeni Arazi ko Ijambo RyaYo Riva ku muvugishwa waYo. Umuvugishwa waYo ni we WENYENE musobanuzi avuye ku Mana w’Ijambo RyaYo. Ivyo yavuze ntibishobora kwongerwako canke ngo bigabanywe. Ni Ijambo, ku mabande, twese tuzocirwako urubanza, kandi nta rindi jambo canke insobanuro y’iryo Jambo.
Ntibishoboka ko hari irindi jwi ryohuza Umugeni. Ijwi ry’Imana Ryonyene Riri ku mabande Rishobora guhuza Umugeni WaYo. Ni Ryo Jambo Ryonyene Umugeni Ashobora kwemeranyako. Ni Ryo Jwi Ryonyene Imana ubwaYo Yagaragaje ko Ari Ijwi RyaYo ku Mugeni WaYo. Umugeni WiWe Ategerezwa kuba mu Ciyumviro kimwe n’Uguhuriza hamwe kugira ngo Abe kumwe na We.
Abakozi b’Imana barashobora gukora igikorwa c’Imana, abigisha barashobora kwigisha, abungere barashobora kuragira, ariko Ijwi ry’Imana Riri ku mabande Ritegerezwa kuba ari ryo Jwi Rihambaye kuruta ayandi yose bategerezwa gushira imbere y’abantu. Ni Icishimikizo Ntanyiganyizwa c’Umugeni.
Namba ufise Uguhishurirwa kw’ivyo, rero ibi nivyo bigiye gushika.
Ijambo Ritubwira ko Adamu yatakaje iragi ryiwe, isi. Ryavuye mu kiganza ciwe rija k’uwo yarigurishijeko, ari we Satani. Yagurishije ukwizera Imana kwiwe, ku vyiyumviro vya Satani. Yatakarije agace kose mu biganza vya Satani. Ryavuye mu kiganza ciwe rija kwa Satani.
Imana ni Imana y’ibiriho vyose, ahantu hose, ariko umuhungu wayo Adamu yari afise iyi si mu bubasha bwiwe bwite. Yarashobora kuvuga, yashobora kwita izina, yashobora kuvuga, yashobora guhagarika ibidukikije, yashobora gukora ivyo ashaka vyose. Yari afise ububasha bushitse kandi burengeye ubundi bwose kw’isi.
Adamu yarabitakaje vyose, ariko Imana Ishimwe, ivyo yatakaje vyose n’ivyo yahevye vyose vyaracunguwe n’Umucunguzi wacu w’Incuti yo hagufi, nta wundi atari Imana Mushoboravyose, Yabaye Imanuweli, umwe muri twebwe. UBU, NI IVYACU. Turi abahungu n’abakobwa biwe bazoganza bakaba abami n’abaherezi hamwe na We. Turafise ubugingo budashira na We hamwe n’abo dukunda bose. Nta ndwara, nta mubabaro, urupfu, gusa ibihe bidashira twese hamwe.
Iyo twiyumviriye ivyo, tworeka gute Satani akadukubita hasi? Ni IVYACU, aho niho turiko turaja vuba cane. Yaduhaye ikintu gikomeye kuruta ibindi vyose yoshobora kuduha. Iyi minsi mikeyi y’ibipimo n’ibigeragezo kuri iyi si birohamishwa n’ingoga hamwe n’INTSINZI YACU IKOMEYE IRI NEZA MU MINSI IRI IMBERE YACU.
UKWIZERA kwacu ntikwigeze kuba ugukomeye kuruta. Umunezero wacu ntiwigeze uba mwinshi nk’uwo. Turazi abo turi bo n’aho tuja. Turazi ko turi mu Bugombe Bwiwe Butunganye mu kugumana n’Ijambo Ryiwe. Ico dukeneye gukora conyene ni ukugumana n’amabande no kwizera Ijambo Ryose; atari ugutahura na gatoya, ARIKO KWIZERA IJAMBO RYOSE…kandi TURABIKORA !
Ukwizera kuva ku kwumva, kwumva Ijambo. Ijambo Riza ku muvugishwa. Imana Yarabivuze. Imana YaraRifashe amajwi. Imana YaraRihishuye. TuraRyumva. TuraRyizera.
Ushobora kuronka uku Guhishurirwa honyene mu kwumviriza Ijwi ry’Imana ku mabande.
Ivyo vyose, ivyo Kristo Azokora kw’iherezo tuzobihishurirwa muri iri yinga, mu Dushashara Indwi, Imana Niyo Yabiturekurira. Murabona ? Ni Vyiza. Bizohishurwa. Kandi bihishurwe, uko Udushashara Tumenagurwa Tukaturekurirwa, rero niho dushobora kubona ico ari co uwo mugambi uhambaye w’ugucungura, hamwe n’igihe n’ingene bigiye gukorwa. Vyose bihishijwe muri iki Gitabu c’amabanga ng’aha. Vyadomweko ikimenyetso, Yahagurutse Afise Udushashara Indwi, kandi rero Umwagazi w’Intama ni We wenyene Ashobora kuTumenagura.
Kuri uwu w’iyinga isaha zitandatu ku mutaga, kw’isaha ya Jeffersonville, (isaha icumi na zibiri ku mugoroba mu Burundi) igice c’Umugeni kw’isi yose kizoba kiriko kirumviriza Ijwi ry’Imana bose mu mwanya umwe. Tuzoba turiko dutera ijuru n’amasengesho yacu kandi turiko turaYisenga. Ndabatumiye kuza kwifatanya natwe mu gihe tuzokwumviriza: Icanzo Hagati y’Ibihe Ndwi vy’Ishengero n’Ibimatanije Udushashara Ndwi, 63-0317E
Ndasavye ntimwibagire ivy’ihinduka ry’igihe i Jeffersonville mu mpera y’iryi yinga.
Umunsi abavugishwa n’abanyabwenge bipfuje kandi barindiriye kuva kw’itanguriro ry’igihe, biriko biraba. Umumarayika w’inkomezi uwo Imana Yavuze ko Yorungika kw’isi mu minsi ya nyuma yaraje kwugurura no guhishura amabanga y’Imana yanyegejwe, ku buryo Umwami Wacu Yesu Ashobora kugaruka kubw’Umugeni WiWe w’umwizigirwa no kudutwara mu Mazimano yacu y’Ubukwe.
Inshingano yanje ya mbere, mu gihe ninjiye mu rusengero rushasha, nahezagiye ubugeni bw’umusore n’inkumi bari mu biro. Bibe ikigereranyo, ko nzoba umukozi w’Imana w’umwizigirwa kuri Kristo, kugira ntegure Umugeni kubw’ibirori vyo kuri urya Munsi.
Uyu munsi, iri Jambo Ririko Rirashitswa. Imana Ivugira mu mumarayika waYo, ategura Umugeni waYo kubw’birori vyo kuri urya Munsi. Dukurikiza amabwirizwa yaYo urudome ku rundi. Umugeni Yariteguye ubwiWe mu KUGUMANA N’IJWI RY’IMANA RIRI KU MABANDE.
Ni ibiki twumvise nyene mu nzozi n’ivyeretswe ? Imfungurwa, NG’IZI, iki nico kibanza. Ijwi Ryaramubwiye Riti, « Injiza Imfungurwa. Zibike. Ubwo ni bwo buryo bwonyene bwo kubagumiza ng’aha, ni ukubaha Imfungurwa. »
Benshi bizera ko bisigura gusa « gumana gusa n’Ijambo, » kandi ivyo NI UKURI, arabivuga, ariko Umugeni vyongeye Azosoma hagati y’imirongo mu gihe Umukwe Ariko Aravugana n’Umugeni.
N’ivyeretswe Imana Itanga ng’aha ku kibanza, bitahurika nabi cane. Ni yo mpamvu munyumva ku mabande, mvuga nti, « Muvuge ivyo amabande avuga. Muvuge ivyo ivyeretswe bivuga. » Ubu, namba mwikanguye neza, murabona ikintu kinaka. Murabona ? Nizigiye ko ntazotegerezwa kugifata mu kiganza no kukibereka.
Ndazi ko Ijambo Rifise insiguro nyinshi, ariko ng’iyi insuguro yanje : inzozi n’ivyeretswe vyavuga kimwe vyose ; mugumane n’amabande. Namba mufise ikibazo, muje mu mabande. Amabande Ni Imfungurwa Zabitswe n’Imana. Muvuge gusa ibiri ku mabande ; ntimwongereko na kimwe. Amabande ni Uko Niko Uhoraho Agize ku Mugeni. Ijambo Ryaje ku muvugishwa wenyene. Umuvugishwa ni we musiguzi w’Imana WENYENE w’Ijambo. Umuvugishwa yategerezwa guhamagara no kurongora Umugeni. Nzocirwa urubanza n’ibivugwa ku MABANDE. Vyose binyerekeza ku MABANDE.
Bakunzi banje Birungu vyo mu kidengeri, kuri jewe, GUFYONDA NO KUVUZA NI IMANA MU BICIYE BUGUFI MURI KINO GIHE.
Uko iyinga rije, ndushiriza kunezerwa ; ni ibiki bigiye guhishurwa uno munsi mu gihe Umugeni WiWe Akorana kugira ngo Yumvirize Ubutumwa ? Ndazi ko Mpwemu Yera Azosiga umwe wese muri twebwe mu gihe Ahishura Ijambo RyiWe nk’uko bitigeze biba mbere. Ndumva, mu mwanya uwo ari wo wose nyene, ko Azoza maze Akadutwara ku Mazimano y’Ubukwe Bwacu.
Turi abahungu n’abakobwa b’Imana. Turi uruvyaro ruva ku Mana. Turi abaragwa b’isi. Tuzogenzura ibidukikije. Tuzovuga ibintu bibeho. Turi Umugeni.
Twishikane ubugira kandi ku gikorwa, kandi twiyegurire ubwacu Kristo.
Ibimenyeshejwe Ibimenyeshejwe ku bijanye n’ugusobanura mu zindi ndimi bikorerwa muri Branham Tabernacle
Bagenzi nkunda,
Iki ni Ikimenyetso. Iki ni igihe. Ubu ni, Ubutumwa. Ibi ni, Ijambo. Iri ni Ijwi ry’Imana. Uyu ni, Umwana w’Umuntu. Iyi ni, inzira Imana Yatanze. Iki ni, igihe c’iherezo.
Nta muvugishwa, nta ntumwa, nta na rimwe, mu gihe ico ari co cose, yigeze abaho mu gihe nk’iki tubayemwo ubu. Vyanditswe mu kirere. Vyanditswe hejuru y’isi. Vyanditswe mu kinyamakuru cose. Iri ni iherezo, namba ushobora gusoma inyandiko y’ukuboko.
Ngwino maze wumvirize mu gihe Itubwira kandi Iduhishurira biciye mu Vyanditswe, mu vyeretswe, biciye mu gusobanura indoto, kugira ngo ugumane n’Ubutumwa, ugumane n’ama bande. Vuga GUSA ibiri ku ma bande.
Nta bundi buryo bwiza, canke uburyo bwizewe kuruta kwumva Ijwi ry’Imana Rivuye ku Mana ubwaYo. Imana Yategetse Umugeni waYo mu kuvuga biciye ku muvugishwa waYo kandi Itubwira, GUFYONDA TUKAVUZA, nta bindi.
Rivuge, Ryigishe, Rishingire intahe, kandi uRibwire isi, ariko, Itubwira ko hariho uburyo bumwe bwonyene bwo gutunganya Umugeni: kwumviriza Ijwi ry’Imana ku ma bande. Namba hari ikintu kikuzazaniye, vuza iyo bande. Ritegerezwa kuba IRYA MBERE, kandi Ijwi rihambaye kuruta ayandi yose utegerezwa kwumviriza. Ni Ijambo RyaYo Ritunganye Yashize kuri bande.
Ubu gereranya mbere ivyo hamwe n’ibindi, indoto. Ibi vyari iyerekwa. Imfungurwa, ng’izi. Ikibanza ni iki.
Umviriza, mu ndoto n’ivyeretswe, Imfungurwa z’Umugeni Ziri hehe? None ikibanza ni ikihe? Ubutumwa bw’Umugeni buri ku ma bande.
Kandi ivyo bimeze nk’i muhira, kuri jewe. Aha ni ho hantu. Kandi namba mubibona, indoto zavuze co kimwe, murabona, aho Imfungurwa ziri.
Kugira ngo amenye neza ko twabitahuye, yongera kutubwira, ko ama bande ari Imfungurwa z’Umugeni.
“Nta gihe gisigaye.” Namba ari uko biri, reka twitegure bagenzi, guhura n’Imana Yacu.
Ego, Mwami, ico ni co cipfuzo c’umutima wacu, co kwitegurira guhura naWe, kuba Umugeni WaWe. None twokora iki ga Mwami? Uburyo bwaWe Watanze ni ubuhe? Umugambi waWe ni uwuhe? Uburyo bwaWe butunganye ni ubuhe? Waturungikiye umuvugishwa Woshobora kuvugiramwo ngo Utubarire. Ndagusavye Utwigishe.
Hariho Imfungurwa nyinshi Zashizwemwo ubu. Reka tuZikoreshe. Reka tuZikoreshe ubu.
Umuntu ashobora kuba impumyi gute? Atubwira ico dukora: hariho Imfungurwa nyinshi Zabitswe ku ma bande; muZikoreshe UBU. Iri ni ibwirizwa ry’Imana ku Mugeni WaYo.
Namba uvuga ko wizera ubu Butumwa, wizera William Marrion Branham ko ari intumwa muvugishwa w’Imana yarungitswe gusohora Umugeni; ubuzima bwiwe bushitsa ivyanditswe vyose vyamuvuzeko; wizera ko ari Ijwi ry’Imana ry’iki gihe, hanyuma YO; Imana, Ivugira mu muvugishwa waYo, Ibwira Umugeni mu congereza gisanzwe ico Akwiye gukora.
Ndashaka gutumira isi ngo yifatanye natwe kuri uyu w’iyinga isaha zitandatu ku mutaga, kw’isaha ya Jeffersonville (isaha imwe y’ijoro mu Burundi), mu gihe twumviriza: “Mugenzi, Mbega Iki Ni Ikimenyetso C’Iherezo ?” Tuzoba turiko twumviriza vyose ku vyerekeye:
Imituragaro, Udushashara Indwi, Urutare mw’iforoma ya Piramide, Imfungurwa za Mpwemu, Ibihe Bidashira, Umugwi w’Abamarayika, Icicaro Canje Gikuru, Iyerekwa, Indoto, Ubuvugishwa, Amabanga Yanyegejwe, Ivyanditswe ku Vyanditswe.
Nta kintu gihambaye muri ubu buzima kiruta kwumviriza no kwumvira Ijwi ry’Imana.
MweneData Joseph Branham.
Ivyanditswe:
Malaki Igice ca 4
Uwera Matayo 13:3-50
Abaroma 9:33/11:25/16:25
1 Ab’i Korinto 14:8 / Igice ca 15
Ab’i Galatiya 2:20
Abanyefeso 3:1-11 / 6:19 / 5:28-32
Ab’i Kolosayi 4:3
1 Ab’i Tesalonike 4:14-17
1 Timoteyo 3:16
Abaheburayo 13:8
2 Petero 2:6
Ivyahishuriwe Yohana 1:20/3:14/5:1/6:1/10:1-7/Igice ca 17