Rero, tubona ko bompi muri aba bari abantu ba mpwemu, bompi bari abahanuzi, bompi barahamagawe. Kandi Mose, neza mu murongo w’inshingano ziwe, hamwe n’Inkingi y’Umuriro nshasha imbere yiwe buri munsi, Mpwemu w’Imana kuri we, mu murongo w’inshingano ziwe. Ng’uyu uwundi mukozi w’Imana araje, yahamagawe n’Imana, yagenywe n’Imana, umuhanuzi Ijambo ry’Imana Rizako. Ehe ahantu h’ingorane. Nta n’umwe yoshobora guharira ko uwo muntu atari uw’Imana—uw’Imana, kuko Bibiliya Yavuze ko Mpwemu w’Imana Yavuganye nawe, kandi yari umuhanuzi.
Mwami, ese ukuntu ivyo vyegeranye ? Nshobora kubimenya gute, igihe BOMPI bari abahanuzi ? Bompi bari abantu buzuye Mpwemu bahamagawe n’Imana, bagenywe n’Imana, abahanuzi b’Imana Ijambo ry’Imana Rizako. Bompi bavuga ko Mpwemu Yera Abarongora.
Dusome kandi twige ivyanditswe bikeya twitonze cane kuvyo intumwa mumarayika w’indwi w’Imana avuga. Dushaka ivyo avuga ; atari ivyo ishengero rivuga, ivyo Umuhinga Jones avuga, canke ico kanaka wundi avuga. Dushaka UKO NIKO UHORAHO AGIZE biciye mu muhanuzi waYo.
Mose nk’umuhanuzi yagenywe hamwe n’Ijambo ry’Uhoraho, yagaragaje ko yari yaratorewe kuba umurongozi w’abo w’ico gihe, kandi ko Aburahamu yari yarasezeranye ibi bintu vyose,…
Nta n’umwe yashobora gufata ikibanza ca Mose. Naho ba Kora benshi bahagurutse, na ba Datani benshi; yari Mose, Imana Yahamagaye, uko biri kwose.
Mose ni we Imana Yari Yatoreye kurongora iryo hanga. Abandi bagabo barahagurutse maze bavuga ko basizwe, abagabo buzuye Mpwemu Yera n’abo. Imana Yabahamagariye kurongora n’abo. Ariko Mose yari umurongozi w’Ubugombe bw’Imana butunganye bw’inkomoko wo kubarongora.
Nta numwe ashaka kuba mu bugombe bw’Imana bworohereza abantu. Umugeni w’ukuri ashaka kuba mu bugombe bwaYo butunganye, igihe cose, ikiguzi bisaba cose.
Twese turazi ko iki ari co kibazo nyene gitandukanya abizera ubu Butumwa uno munsi. Turazi ko Umugeni ATEGEREZWA KANDI AZOHURIZWA hamwe; iryo ni Ijambo.
Hariho abagabo buzuye Mpwemu, bahamagawe n’Imana mw’Ishengero muri iki gihe. Ni abantu b’Imana basizwe bahamagariwe kuvuga ubu Butumwa. Ariko mu bisanzwe nta n’umwe muri bo twese dushobora kwumvikanako.
Bashobora gute kuba abo guhuza Umugeni? Twoshobora guhurira ku gikorwa c’ibango ry’abo ? Mu vy’ukuri bahamagariwe kurongora ubusho bw’abo, ariko kubasubiza ku MUGAMBI W’IMANA W’INKOMOKO. UMURONGOZI WAYO. UMUHANUZI WAYO. Si ku gikorwa c’ibango ry’abo.
Namba batabigisha ko iryo Jwi riri ku mabande ari Ryo MUTEGEREZWA gukurikira, kandi mutegerezwa kwizera ko ari Ijwi ry’ingirakamaro kuruta ayandi mutegerezwa kwumvirizwa, mu bisanzwe bari mu bugombe bwaYo bwo kworohereza abantu.
Namba bababwira ko ari ryo Jwi ry’ingirakamaro kuruta ayandi, kandi vy’ukuri bavyizeye, none ni kuki badafyonda bakavuza igihe cose muri hamwe?
Namba mushaka kubimenya neza, ATA GUKEKERANYA, ko muri mu bugombe bwaYo butunganye, hariho UBURYO BUMWE BWONYENE BWIZEWE. Ni ukwumviriza Ijwi ry’Imana Ryagaragajwe ku mabande.
Ako kanya, ibande yaguye mu nzu y’abo. Karabaye rero. Namba ari intama, yifatanya na yo. Namba ari impene, ayiterera hanze.
Ntegerezwa KUBIMENYA NEZA. Sinshobora kandi sinzofyinata na gatoya n’amerekero yanje y’ibihe bidashira. NDAZI ko iryo Jwi ku mabande ari Ijwi ry’Imana ku Mugeni. NDAZI ko Ridakora amakosa. NDAZI ko Ryagaragajwe n’Inkingi y’Umuriro. NDAZI ko ari Ryo Imana Yatoreye kurongora Umugeni WaYo. NDAZI ko rirya Jwi ariryo Jwi Ryonyene Rishobora kandi Rizohuza Umugeni. NDAZI ko rizoba rirya Jwi nzokwumva Rivuga Riti, “Ng’uyu Umwagazi w’Intama w’Imana.” NTEGEREZWA GUFYONDA NKAVUZA maze nkumviriza rirya Jwi.
Muratumiwe kuza kwifatanya natwe kuri uyu w’iyinga isaha zitandatu z’umuhingamo kw’isaha y’i Jeffersonville (Isaha cumi na zibiri mu Burundi), mu gihe tuzokwumviriza: 65-0418E Mbega Imana Yoba Yigera Ihindura Ivyiyumviro vyaYo kw’Ijambo ryaYo?
MweneData Joseph Branham.
Tuzotangurira ubwo Butumwa ku murongo wa 61.
Ivyanditswe vyo gusoma imbere yo kwumviriza Ubutumwa: