Ikintu cose cononywe maze kikaribwa n’intumwa zine z’urupfu zishe ca Giti, ubu caramaze gushumbushwa ubugira kandi n’intumwa zine z’Ubugingo. Si intumwa ZITANU, si intumwa zitanu z’igikorwa c’ivugabutumwa, si umugwi ; intumwa ZINE zarashumbushije ca Giti-Mugeni.
Uhereye ubwa mbere na mbere, Imana yari yararindiriye iki gihe n’uyu mwanya ko vyoshika kugira Ishobore kubona Icamwa cayo, mu gihe Cayo, kubwo igihe c’umuhanuzi. Turi ico camwa. Iki nico gihe. Igihe c’iyimbura cageze.
Iyi pasika y’impera y’indwi uko yagenze nta yindi Pasika umuntu yari bwagire imeze nkayo. Ntituzoguma uko twari tumeze. Ukubaho kw’Umwami nk’uko. Narindindiriye Izamurwa ko ryoshika umwanya n’Umwanya.
Impamvu y’iki gihe ciharije nuko twotegerejwe… Ku mutima wanje Mpwemu Yera yashizemwo iki ciyumviro c’ukugabishwa, yuko , “ Ishengero muri iki gihe canyuma ryoronse Ubu Butumwa.” Kuko, ndizera yuko ubwo ari Ubutumwa buhambaye bwa Bibiliya, kuko buhishura Kristo mw’Ishengero ryiWe muri iki gihe.
Rero, Umugeni azoba akoraniye hamwe kuri uwu w’iyinga isaha zitandatu kw’isaha ya Jeffersonville,(Hakazoba ari isaha icumi na zibiri z’umugoroba mu burundi ) mu gihe tuzokwumviriza : Uguhishura kwa Yesu Kristo 60-1204M.
Nipfuje kubatera intege gusoma no kwumviriza, buri ndwi mu Gitabu c’Ibihe ndwi vy’Ishengero, igice tuzoba twumvise buri w’iyinga. Tuzoshira audio y’icongereza ku rubuga rwa Lifeline no kuri Voice Radio buri munsi ku mwanya utandukanye, Ariko mwiyumve amahoro gusoma, kwumviriza no kuvyiga indwi yose buri gihe ico ari co cose.
Reka duhimbarwe kandi tunezerwe. Ntimwiteho iyi Si n’icaha hamwe n’ukwihebura bidukikuje. Reka twigine ivyo Yama Idukorera vyose buri munsi.
Mu gihe ca Mose, ndazi neza yuko abantu baguma babaza Mose bati, “ Tuzova muri kino kibanza ryari? Tuzova hano ryari?”
Aduhezagiza iki ? Ugukira indwara kuvuye mw’Ijuru, ukumenywa mbere, uguhishurirwa, ukwerekwa, ubushobozi, indimi, insobanuro, ubwenge, ubumenyi, imihezagiro yose yo mw’Ijuru, umuhezagiro utovurwa kandi wuzuye ubwiza , umutima wose wuzuye Mpwemu, tugendagendera hamwe, twicaranye ahantu ho mw’Ijuru, ata ciyumviro na kimwe kibi kiri muri twebwe, ata n’itabi , ikanzu ngufi, iki, kirya canke ikindi, nta n’iciyumviro kibi, nta muntu n’umwe arwanya uwundi, umuntu wese avugana urukundo n’amahoro, umuntu wese arahuje umutima n’inama mu kibanza kimwe, « Rero giturumbuka haje igihinda kivuye mw’Ijuru nk’umuyaga w’inkomezi. » Ng’ivyo, « Yaduhezagije imihezagiro yose ya Mpwemu. »
Mwami Yesu akira ugutazira kwacu kuri iyi pasika y’impera y’indwi. Nutureke twinjire ahantu ho mw’Ijuru muri Kristo Yesu ; reka twinjire ahera h’ahera. Nta ciyumviro na kimwe kibi, nta gusamara na kumwe, kiretse uguhuza umutima n’inama, ahantu hamwe ; rero reka haze igihinda kivuye mw’Ijuru nk’umuyaga w’inkomezi muri buri nzu zose zacu. « Ingo Mwami Yesu », turiteguye kuKubona imbona nkubone.
Kuko Umugeni yarashumbushijwe biciye mu Muco wo ku kagoroba w’Ubutumwa bw’igihe cacu ; biciye mu Butumwa bwa Malaki 4. Turagushimiye Mwami kubw’ ukugaragara kwa Kristo kwose mw’ishengero ryiWe atari ishengero ryubatswe n’amaboko, ariko ukugaragara kwose kwa Kristo yiyerekanira mu muntu , umuhanuzi wawe, kubwo ibimenyetso bihambaye n’utwumiza, hanyuma yarahishuye Ijambo ryose ry’Imana ubugira kandi kandi ubu Ririko riraba mu Mugeni wawe wo kw’isi yose. Warakoze kutureka kugira ngo tubeho maze tubone Uwu Muco wo ku kagoroba uhambaye, bijanye n’ubuvugishwa.
*Hanyuma Umuco wo ku kagoroba waziye iki ? Ni akahe kamaro k’Umuco wo ku kagoroba ? Gushumbusha. Whew! Murabitahura ? [Ikoraniro rivuze riti,” Amen.”-Umwanditsi] Umuco wo ku kagoroba ufise intumbero imwe nk’iyo Umuco wo mu gatondo wari ufise, gushumbusha ivyari vyarakuweho n’ibihe vy’umwiza, kubwa Roma. Imana Igiye kuzoshumbusha, mu kwatsa Umuco wo ku kagoroba(Iki?) Gushumbusha Ijambo ry’Imana ryose ubugira kandi, Ukugaragara kwose kwa Kristo mw’ishengero ryiWe. Ikintu cose yagikoze, neza na neza uko yari yaragikoze, niko bizoba ubugira kandi mu gihe c’Umuco wo ku kagoroba. Murabona ivyo nshatse kuvuga? Yooo, mbega ivyo si igitangaza? [“ Amen.”] Kandi kugira tumenye yuko tubaye hano ngo tubibone ubu, Umuco wo ku ka goroba , neza na neza bijanye n’ubuvugishwa.
Umugeni w’ukuri ntahagarikira ku gutsindanishirizwa n’ukwizera, naho Azi yuko ivyaha vyiwe bimeze nk’uko umenga ntavyo yakoze; ntahagarikira ku kwezwa, naho yogejwe maze ashirwa iruhande kubwo igikorwa, ntahagarikira kuri Pentekoti, naho yaronse Umubazito wa Mpwemu Yera , ariko Arabandanya yerekeza kw’IJAMBO RY’IGIHE CACU: Malaki 4, Ijambo ubwaryo ryihaye umubiri ubugira kandi mu kiremwa muntu. U, “Nzoshumbusha niko Uhoraho Agize,” Ibizozana Ukwizera kw’Izamurwa ku Mugeni. Kandi Iryo Jambo ryagaragajwe Riza GUSA mu kwumviriza Amabande, Izina ryiWe ry’Igitangaza Rishimwe.
Umwe muri bo , Martin Luther, yatanguye kwatsa Umuco. Harabayeho Umuco mutoyi, inkomezi ntoya gusa z’ugutsindanishirizwa n’ukwizera.
Munyuma haje Wesley, ahambaye ,ukwezwa.
Inyuma ya Wesley, haje abakomeye kumusumba, aba pentekoti, umubatizo wa Mpwemu Yera mu wundi muhanuzi ahambaye. Murabona?
Ariko mu minsi ya nyuma, ya Malaki 4, Eliya ategerezwa kuza afise Ijambo ry’Ukuri. “ Ijambo ry’Umwami ryaje ku muhanuzi.” Mu gihe c’imico yo ku ka goroba , ategerzwa kuza, gushumbusha no kugarukana. Iki? “ Kugarukana imitima y’abana ku kwizera kw’Imana.” Umuco ugira kane!
Ingo mukoranire kw’Ijambo, mu mazu yanyu, ku mpera y’indwi ya Pasika kandi mureke dusenge Umwami. Zimya Amaterefone yanyu kiretse gufata amafoto , kwumviriza umutsima wa buri munsi, no kuvuza Bande biciye muri application ya Table, ku rubuga rwa Lifeline canke ku kiraro co kuvomako ubutumwa.
Kuri benedata na bashiki bacu bo mu mahanga, nko mu mwaka uheze, Nipfuza kubatumirira kuza kwifatanya natwe kubwo ibi bikorwa kw’isaha ya Jeffersonville, kubwo ivyo bihe vyose vy’amasengesho kuri uru rutonde hamwe no kuri Bande yovugijwe kuw’iyinga mu gitondo. Nabonye yuko, uko biri kwose, ukuvuza Bande ku wa Kane, ku wa Gatanu, no ku wa Gatandatu ku muhingamo kw’isaha ya Jeffersonville vyogorana cane kuri benshi muri mwebwe, Rero mwiyumve amahoro mu kuvuza ubwo Butumwa kw’isaha iyo ari yo yose y’umusi yoborohereza. Ariko, nokwipfuza ko twese dukoranira hamwe kuw’iyinga isaha zitandatu n’igice z’umuhingamo kw’isaha ya Jeffersonville, twumviririze hamwe Ubutumwa bwacu bwo kuw’iyinga.
Kandi nipfuje kubatumirira n’abana banyu kuba mu bikorwa vya Creations no gushira mu ngiro ivyamaze kwigishwa, hamwe n’ibibazo vya Young Foundation, ivyohimbara umuryango wawe wose . Twibaza yuko muzobikunda kuko vyose bijanye n’IJAMBO tuzoba turiko turumviriza iyi mpera y ‘iyinga.
Kubwo urutonde rw’impera y’iyinga, amakuru ajanye no gutegura igikorwa c’Ingaburo Yera , ibikoresho bizokenerwa kubwo imigambi ya Creations, Ibibazo vya Pasika, n’ayandi makuru, raba ku biraro biri munsi.
Ibimenyeshejwe Ibimenyeshejwe ku bijanye n’ugusobanura mu zindi ndimi bikorerwa muri Branham Tabernacle
Mukunzi Jambo kw’Ijambo,
Amashengero menshi ari mu ruzazane, ntafise ico afata nico areka, yataye umutwe,yazazaniwe, yavangiwe, ari murudubi kandi arazazaniwe ku biriko birashikira aba “ Bantu ba Bande” kw’isi yose buri uwa Mungu.
Ni Ubumwe butaboneka bw’Umugeni wa Kristo, yicaye mu nyonga z’Umwana , yeze, adutegura. Umukwe wo mw’Ijuru wacu yamye atubwira ivyerekeye urugo rwo muri kazoza tuzobanamwo naWe.
Mu mayinga makeyi aheze yaratubwiye ati , « Iyi si si muhira iwanyu, ni Edeni ya Satani, kandi nzoyirimbura n’umuriro. Uri umukunzi wanje uwo nahisemwo imbere yuko isi ishirwaho kugira ngo ube Umugeni wanje. Rero, kuri uwu wa Mungu ngiye kuzokubwira kuvyerekeye ukuza kw’Izamurwa ko kuri hafi. »
Ibimenyeshejwe Ibimenyeshejwe ku bijanye n’ugusobanura mu zindi ndimi bikorerwa muri Branham Tabernacle
Mukunzi mupfasoni watoranijwe,
Mbega wotanga iki ng’ Umwami Yesu Yinjire mu nzu yawe kuri uwu w’iyinga, akicara ku musezero wawe, Akwitegereza mu maso yawe maze Akavugana nawe adaciye ku ruhande?
Ntiwoshoboye kuvuga . Ntiwoshaka kuvuga. Ico woshaka gukora gusa kwobaye ukuMwitegereza hanyuma ugakoma induru. Wogira ubwoba mbere no kwugurura umunwa wawe. Woshoboye kuvuga iki ? Muvyiyumviro wokwiyumviriye uti, Mwami, simbereye no kuba hano kubwaWe mu nzu yanje. Ndi umuntu wo hasi cane. Naragutetereje kenshi, Mwami, ariko Mwami , ndagukunda cane.
Rero wotahura mu mutima wawe, Arazi neza na neza ivyo niyumvira, nta kintu na kimwe comunyegezwa, Arazi amabanga yose yo mu mutima wanje.
Mu gihe witegereza mu Maso yiWe y’igiciro, woshobora kubona urukundo n’impuhwe. Yoshobora kuvugana nawe mbere atanuguruye n’umunwa wiwe. Wokwiyumvira uti, ni We ari kumwe nanje vy’ukuri hano , mu nzu yanje.
Umutima wawe wonezerwa birushirije, nk’uko ubona ko yaragiye kukubwira ibintu bitangaje. Ubwo nyene, Iryo Jwi wumvise ryavuze riti, « Mukunzi wanje, ntugire ikibazo, izina ryawe riri mu Gitabu canje c’Ubugingo c’Umwagazi w’intama. Si Igitabu canyu c’ubumwe busanzwe ca kera, ariko ni Igitabu canJe gishasha c’Umugeni. Ni Urupapuro rwemeza ubukwe hagati yanJe nawe.
Mukunzi wanJe, s’uko wahariwe ivyaha vyawe n’ukunanirwa vyonyene, ariko kuri jeWe, WAREJEJWE. Mu maso yanje, Ntiwigeze ukora ikintu kibi na kimwe.
Narababwiye yuko idini ritazobatuma mwiyunga, ntibashobora no kwemeranya n’Ijambo rimwe canke abiri muri Bibiliya. Noba narigeze kubabwira yuko azoba ari umugwi w’abantu ? Oya ! Nababwiye ko yari umuntu umwe w’Ubutumwa kandi mwarumvirije hanyuma murumvira.
Kuko batokwumvirije maze ngo bemere umugambi wanje w’inkomoko uhereye ku ntango, narungitse abo bavugabutumwa, abigisha, intumwa, abungere, n’abahanuzi. Ariko bari barungitswe kugarukana abantu baberekeza ku mugambi wanje utunganye w’inkomoko, umumalayika wanje w’inkomezi. Kuko ni Ijwi ry’Imana kuri mwebwe.
Ni abasizwe, ariko ndafise gusa INTUMWA MUHANUZI IMWE YO KUBARONGORA. MPWEMU YERA NI UMUHANUZI. Sinababwiye incuro nyinshi, IJAMBO RYANJE RYAVUZWE BICIYE MURI WE KO RIDAKENEYE INSOBANURO, NTIMWONGEREKO CANKE NGO MUKUREKO IKINTU NA KIMWE YAVUZE, NI MUVUGE GUSA IVYO YAVUZE KURI BANDE ? Uwo ni umuhanuzi, Mpwemu Yera abarongora.
Ni we natumye kubahamagara kugira ngo mwitwe Umugeni wanje. Niwe azobamenyekanisha kuri Jewe. Niwe twahagararanye maze ndamwereka ico muzoba, Umugeni wanje. Narababwiye ibimwerekeye vyose mw’ihishurirwa, igihe navuga , Jewe Yesu narungitse UMUMALAYIKA WANJE kugira ngo abashingire intahe y’ibi bintu MU MASHENGERO. Ni JEWE, ndiko ndakoresha gusa umubiri wiwe n’Ijwi ryiwe kugira ngo rivugane namwe. »
Mbega igihe c’igitangaza turiko turagirira hamwe na We. Ntitwegeze tunezerwa canke duhimbarwa birushirije mu buzima bwacu. Niko ukwo Biri. Ibi nivyo twamye turindiriye mu buzima bwacu bwose.
Ntagukekeranya na gutoyi kuri mu mitima yacu canke mu vyiyumviro vyacu. Kuko mu Butumwa bwose twumviriza, atubwira ko turi mu bugombe bwiWe butunganye. Hariho gusa Ijwi rimwe rizobahuriza hamwe,ribatunganye, hanyuma ribashire hamwe…Jewe, MU GIHE JEWE MVUGA BICIYE MU MUHANUZI WANJE. SI AMAJAMBO YIWE, NI AMAJAMBO YANJE. NI INZIRA YANJE YATEGUWE.
Ni muze mube igice c’umuryango w’igikorane c’amashimwe y’Umugeni, mu gihe Azoba Ariko Aratugaburira. Ntimucerwe, mu gihe tuzotangura umusi mukuru kuw’iyinga, neza na neza isaha zitandatu ku muhingamo kw’isaha y’ i Jeffersonville ( Akaba ari isaha cumi na zibiri mu Burundi). Azoba ari ho Ari nk’uko Yabimbwiye ko yohabaye.
Naramenye igihe mwanyumva mvuga, nkoresheje Ijwi ry’Umumalayika wanje, ibwina mu mutima wanyu mwomenye, yuko atari we, ariko ko Yari jewe ndiko ndavugana namwe. Yari jewe ndiko ndabarungikira ikete ry’Urukundo, ndababwira y’uko nabatoranije kugira ngo mube Umukunzi Mugeni wanje.
Mu maso yanje, Nta n’umwe ameze nkawe, nta numwe ashobora gufata ikibanza cawe. Wagumye uri umwizigirwa kandi uri mu kuri kuri jeWe.Igihe ndakwitegereje, umutima wanje wuzura umunezero.
Ibimenyeshejwe Ibimenyeshejwe ku bijanye n’ugusobanura mu zindi ndimi bikorerwa muri Branham Tabernacle
Mukunzi Mugeni wo kw’isi,
Malaki 4 ni Ijambo ry’Imana, kandi ryavyaye uko ubwoko bwaryo buri, TWEBWE, Umugeni waYo. . Ni Mpwemu Yera, Umuntu wa Yesu Kristo, mu gikorwa, atsimbataye mu mitima yacu. Tugirwa bazima n’Ijambo RYOSE Avuga, kuko, « Intama zanje zumva Ijwi ryanje ; uwo zitazi ntizomukurikira. »
Mbega ukuntu aya mezi aheze yabaye ay’igitangaza, mu gukurikira Umuhanuzi I Jeffersonville. Imana yavugiye mu Mumalayika wayo w’inkomezi maze atugaburira ku mfungurwa zibistwe zivuye MU KIGEGA GITOYI mu gihugu cose. Ni Manu ihishijwe, y’Umugeni waYo gusa.
Mbega tubimenya gute? Imana yavuganye natwe Idaciye ku ruhande biciye mw’Ijwi ryaYo kuri bande, Itubwira kandi yongera Itubwira iti,”Ndi muri mwebwe, namwe muri muri Jewe. Turi UMWE. Nabatoranije imbere yuko isi ishirwaho. Muri akara ko mu mubiri wanje, akagufa ko mu magufa yanje.”
Ese ingene Ubutumwa Imana Yatubwiye kuri uwu w’iyinga bwari butunganye bw’ukuntu iyi si tubayemwo Atari rwacu, ari Edeni ya Satani. Ukuntu yahenze Eva kuva ku ntango mukumutuma yibaza kandi akekeranya IJAMBO RIMWE. Yikuyeko umwitwikiro wera w’Imana, hanyuma yiyambika umwitwikiro w’ubumenyi, hanyuma amaso yiwe yaruguruwe maze abona yuko yari amenya.
Satani yononye Ijambo ry’inkomoko, kandi ubu yaramuhumishije kugira agume ari amenya akandi atabizi. Yahindutse umwamikazi wa satani kandi iyi si ni ubwami bwa Edeni bwiwe.
Ku w’iyinga, Umukwe wacu wo mw’Ijuru ashaka kwibutsa Umugeni wo kw’isi wiwe aho inzu yacu yo muri kazoza izoba iri hamwe n’ukuntu izoba imeze. “Yewe Mukunzi, rero narakubwiye ivyerekeye iyi si n’ukuntu ari Edeni ya Satani, Nshaka kukubwira UBUGIRA KANDI kubijanye n’inzu yawe yo muri kazoza hamwe nanJe.
Iki gihe ntibariko batsimbataza Ijambo ryanje mu mitima y’abantu, bariko bagerageza kwiyerekana bobo ubwabo. Amashengero ariko aragerageza gutsimbataza inyigisho z’ishengero mu mitima y’abantu. Umuntu wese avuga ati,” Nakoze iki. Jewe, jewe, iryanje, idini ryanje, jewe, iri.” Bariko bagerageza kwiyerekana bobo ubwabo kandi si Ijambo ryanje ryavuzwe biciye mu muhanuzi wanje.
Ntimutegerezwa gutahura buri kintu cose mvuga, mutegerezwa gusa kucizera kuko ari uko nakivuze kandi ivyo biba bitunganye ibihe vyose.
Mpwemu Yera wanje ari ku gikorwa muri mwebwe. Ni Ubugingo muri mwebwe, si ibishobisho ; si ubwoko bw’icemezo c’umubiri, ariko ni Umuntu, JEWE, Yesu Kristo, Ijambo ry’Imana , ryashizwe mu mutima wawe, kandi yahaye ubuzima Ijambo ryose ry’iki gihe. Ni Mpwemu Yera wanje ari ku gikorwa muri mwebwe bijanye n’Ijambo.
Ndaje kuri mwebwe nk’uko nabisezeranye yuko nobikoze. Narababikije Ijambo ryanje. Ijambo ryanje ryarafashwe kuri bande rero ntihazobaho ugutahura nabi , nta kibazo , kiretse Ijambo ryanje ritunganye kuri mwebwe; kuko Ni niko Uhoraho Agize.